6 REBEKA
Yaremeye kuja iyo atazi
REBEKA yaregereye iriba yikoreye umubindi munini. Hari nko ku mugoroba kandi wari umwanya wo kuvoma amazi yo gukoresha muhira. Nta gukeka ko yari amenyereye gukora ico gikorwa imisi yose. Ariko yarabonye abantu atazi, umugwi w’abantu bari kumwe n’ingamiya hafi y’iriba! Naho ari ukwo, yarabandanije gushika kw’iriba aravoma amazi.
Yikoreye wa mubindi uremereye ngo asubire muhira, umugabo umwe yitereye mu myaka yaciye ava muri wa mugwi w’abantu, yiruka iyo ari maze amubwira ati: «Ndagusavye umpe utuzi two kunywa kuri uwo mubindi wawe.» Rebeka ntiyatinye kugaragariza umutima mwiza abo bantu atazi. Ahubwo yarabagaragarije umutima mwiza mu buryo budasanzwe. Yamubwiye ati: «Akira unywe databuja!» Aca aratura uwo mubindi wiwe maze aramuha aranywa gushika inyota iheze.
Yaciye akora n’ibindi. Yaremeye kuvomera amazi ingamiya cumi z’abo bantu atazi. Uwo mugabo yaguma yihweza yumiwe uwo mukobwa asa neza, akaraba ingene aguma yiruka kuvoma yongera agaruka, akaguma asuka amazi mu bwato bw’ibitungwa gushika izo ngamiya zose ziheze inyota. Uwo mugabo yaciye amubaza abavyeyi biwe abo ari bo, yongera aramubaza nimba muhira iwabo boronka aho baraza uwo mugwi w’abantu ijoro rimwe. Rebeka ntiyatinye kubagaragariza ubwakiranyi. Yaciye abatumira ngo baze kurara iwabo, yongera arabemerera n’ubwatsi bw’ibitungwa vyabo.
Yehova ni we yabahuje, ariko Rebeka nta vyo yari azi. Uwo mugabo yitereye mu myaka ashobora kuba yari Eliyezeri, umusuku w’umwizigirwa yari yaje ava kure cane. Hari haciye indwi zitari nke shebuja Aburahamu amusavye ngo agire urugendo rurerure aje kuronderera umugore Izahaki umuhungu wa Aburahamu, akaba na samuragwa. Aburahamu yari yamusavye ashimitse ko yoronderera umukobwa mu muryango usenga Yehova. Eliyezeri rero yari yasenze Yehova amusaba ngo amufashe. Yari yasavye Imana ko umukobwa Izahaki yotwaye yobagaragariza ubwakiranyi, bwa bwakiranyi nyene Rebeka yari yabagaragarije!
Rebeka ntiyatinye gufasha abo bantu atari bwigere abona. Ariko ntiwumve, ico gihe kugaragariza abantu ubwakiranyi gutyo nta ngorane vyarimwo. Mugabo muri iki gihe abantu benshi ni ‘inkazi kandi ntibakunda iciza.’ (2 Tim. 3:1, 3) Ariko no muri ico gihe, Rebeka yari akarorero kadasanzwe. Yaragaragaje umutima rugabo no mu bundi buryo.
Yahavuye amenya igituma abo bantu bari bagize urwo rugendo rurerure. Se wa Rebeka Betuweli na musazawe Labani, barahaye ikaze Eliyezeri ngo basangire ibifungurwa. Ariko uwo mugabo yitereye mu myaka, yarabasavye ashimitse ko yobanza kubabwira ico arondera. Yarabiganiye ingene Yehova yamuhezagiye mu gutuma abona Rebeka. Betuweli na Labani bariboneye ingene Yehova yari yamufashije, maze bavuga bati: «Ivyo bintu vyavuye kuri Yehova.»
Igihe Rebeka yamenya ko Imana ishaka ko yimukira kure y’iwabo kandi akubakana n’umugabo atigeze amenya ni ibiki yari gushobora gukora?
None Rebeka yari gukora iki? Aburahamu yari yavuze ko vyoshika uwo mukobwa ntiyemere kuzanana na Eliyezeri i Kanani. Rero yari guhitamwo kugenda canke kureka. Bukeye, Eliyezeri yarasavye ko yosubira inyuma mugabo akagenda ajanye na Rebeka. Umuryango wa Rebeka wafashe ingingo yo kubaza Rebeka bakumviriza ico abivugako. Yabishuye inyishu isanzwe ati: «Ndavyemeye.» Yaremeye kuva iwabo arasiga umuryango wiwe, kumbure akaba atosubiye kubabona. None ni igiki catumye agira uwo mutima rugabo? Birashoboka ko na we nyene yabonye ko ari vyo Yehova yashaka.
Haciye indwi zitari nke uwo mugwi uri ku rugendo n’ingamiya, warahavuye urashika kwa Aburahamu i Kanani. Igihe izuba ryariko rirarenga, Rebeka yarabonye umugabo yariko aragendagenda ari wenyene mu murima, ariko arazirikana. Igihe yamenya ko ari Izahaki, yaciye yitwikira yicishije bugufi, kugira yerekane ko yemera ko azomubera umugabo. Izahaki, umugabo yimereye neza w’imyaka 40, yari akibabajwe n’urupfu rwa nyina wiwe Sara, uwari amaze imyaka itatu apfuye. Rebeka yoba yogize umutima rugabo wo gukora igikorwa Imana yari yamushinze ryari rimurindiriye? Ubwo yobereye Izahaki umukenyezi mwiza, amushigikira kandi akamufasha gukorera Yehova ari umukuru w’umuryango? Bibiliya ivuga ko yabishoboye. Idondora umubano wabo muri aya majambo asanzwe iti: «Izahaki aramukunda cane, aronka uruhoza inyuma yo kubura nyina wiwe.»
Soma iyo nkuru muri Bibiliya:
Ikibazo co kuganirako:
Rebeka yerekanye gute umutima rugabo?
Niwinjire mu mizi
1. Ni igiki Eliyezeri yahomvye igihe Aburahamu yaronka umwana, mugabo ni igiki cerekana ko atagize inzika? (Ita. 15:2-4; 24:12; w97 1/1 14 ing. 2-wcgr)
2. Ni kubera iki Aburahamu yipfuza ko umugore wa Izahaki aza i Kanani aho gusaba Izahaki ngo yimukire mu gisagara Rebeka yavukamwo? (w97 1/1 14 ing. 3-wcgr)
3. Ingabire zahawe Rebeka n’umuryango wiwe zasobanura iki? (it «Rébecca» ing. 4-wcgr)
4. Dondora urugendo Rebeka yagize ava i Harani aja kwa Izahaki i Negebu. (wp16.3 15 ing. 1) A
www.LifeintheHolyLand.com
Ifoto A: I Negebu harigeze kuba abantu benshi kandi hariho uburagiriro Aburahamu yaragiramwo ubusho bwiwe
Rondera ivyigwa wohakura
Twokwigira iki kuri Aburahamu, Rebeka na Izahaki mu bijanye no kurondera uwo twubakana? (Ita. 24:2, 3; 27:46–28:1)
Rebeka yari umuntu w’umunyamwete, atanga cane, kandi yubaha. Bashiki bacu bomwigana gute muri iki gihe? B
Ifoto B
Wokwigana gute umutima rugabo wa Rebeka?
Zirikana mu buryo bwagutse
Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?
Ni ibiki nzobaza Rebeka niyazuka?
Rondera kumenya n’ibindi
Raba ingene Rebeka yabandanije kugaragaza umutima rugabo nk’umukenyezi na inabibondo w’umwizigirwa.
«Rebeka—umukenyezi w’umunyabikorwa yatinya Imana» (w04 15/4 8-11)