15 NAWOMI NA RUSI
Baragumanye mu bihe vy’ingorane
NAWOMI yaguma ashikirwa n’ingorane. Inzara yarateye muri Isirayeli, umugabo wiwe aca afata ingingo yo kwimura umuryango wiwe awukura i Betelehemu awimurira mu gihugu ca Mowabu. Vyarashitse umugabo wa Nawomi arapfa, Nawomi aca asigarana n’abahungu biwe babiri muri ico gihugu bimukiyemwo. Abo bahungu biwe bahavuye bubakana n’Abanyamowabukazi batasenga Yehova. Haciye imyaka nka cumi, hari ikintu kibabaje cane cabaye: Abo bahungu biwe bompi barapfuye! Kandi ntibari bwavyare. Nawomi rero yarabuze umugabo wiwe n’abahungu biwe babiri kandi bapfa ata n’akuzukuru bamusigiye.
Nawomi abonye ko asigaye ari wenyene yaciye afata ingingo yo gusubira iwabo i Betelehemu, rukaba rushobora kuba rwari urugendo rw’indwi yose. Rusi na Orupa abakazana babiri ba Nawomi barifatanije na we muri urwo rugendo. Ariko Nawomi ntiyashaka ko abo bakazana biwe bava mu gihugu cabo no mu ncuti zabo, kuko ivyo vyoshoboye gutuma badasubira kwubaka izabo ngo baronke n’abana. Yaciye yinginga Rusi na Orupa ngo basubire inyuma kwa ba nyina babo. Nawomi yari afise umutima rugabo, yari yiteguriye gufata urwo rugendo ari wenyene. Orupa yararize aca arasubira inyuma. Na Rusi yararize ariko aranka gusubira inyuma.
Rusi yabwiye Nawomi ati: «Reka kunyinginga ngo ndaguhebe, . . . kuko aho uzoja ari ho nzoja, kandi aho uzorara ni ho nzorara. Abantu bawe bazoba abantu banje, n’Imana yawe ibe Imana yanje. Aho uzopfira ni ho nzopfira, kandi ni ho nzohambwa.» Uwo mugore akiri muto w’intahemuka kandi arinda yari yafashe ingingo y’uko Yehova Imana ya Nawomi iba Imana yiwe.
Abagore babiri bari batuntuye kubera babuze ababo ariko bararemeshejwe no kuba bararondereye ubuhungiro mu basavyi ba Yehova
Rusi rero yaciye ajana na Nawomi muri Isirayeli, araheba incuti ziwe, imico yabo n’imana z’i Mowabu. Igihe amaherezo Nawomi na Rusi bashika i Betelehemu, abagore bamwebamwe baratangaye babonye ukuntu Nawomi yari yarahindutse muri iyo myaka yose. Yidoze avuga ko Yehova yari yaramutwaye utwiwe twose, agaruka agaragara. Nta na kimwe cerekana ko Rusi yababajwe n’ayo majambo Nawomi yavuze, naho yari yaremeye guheba vyose kugira agumane na inabukwe. Ahubwo yaciye aza araja gutoragura intete zasigaye mu mirima kugira we na Nawomi baronke utwo bafungura.
Hari umugabo w’umutunzi yari afise amatongo yitwa Bowazi umuhungu wa Rahabu yabonye ingene Rusi akorana umwete mu gutoragura mu mirima. Uwo mugabo w’umwizigirwa yaciye abaza ivyerekeye uwo mugore. Baramubwiye ko Rusi yariko akora cane kugira afashe Nawomi. Yarashimagije Rusi kubona yarafashe ingingo yo guhungira kuri Yehova kugira amwitwararike we na Nawomi. Yaranategetse abagabo bamukorera ngo ntibagirire nabi uwo mugore.
Kuri uwo mugoroba igihe Nawomi yamenya ingene Bowazi yagaragarije umutima mwiza Rusi, yararyohewe cane. Yiyumviriye ko Bowazi ashobora kwubakana na Rusi. Yari incuti yiwe, kandi amategeko y’Imana yarimwo intunganyo idasanzwe yerekeye abagore bapfakaye bakiri bato, nka Rusi. Umugore apfakaye yaba afise uburenganzira bwo kwubakana n’incuti ya hafi y’uwo mugabo wiwe yapfuye. Ivyo vyaratuma yibaruka umwana yitirirwa izina ry’umugabo wiwe, kugira izina ryiwe n’intoranwa yiwe ntibizimangane muri Isirayeli. (Gus. 25:5, 6) Nawomi yarasiguriye Rusi ivyo akwiye gukora.
Rusi yarakoze ivyo Nawomi amubwiye naho yari imigenzo atamenyereye kandi iteye ubwoba. Yaragiye ku mbuga yo mu murima mw’ijoro, aho abagabo barara iruhande y’ibirundo vy’intete baba bimbuye. Yaciye asoboka aja ku birenge vya Bowazi arabipfukura aca araryama. Bowazi yikanguye, Rusi yaramwibukije yicishije bugufi ivyo amategeko y’Imana yavuga, maze aramubaza nimba yokwemera kumucungura. Uwo mugabo yimereye neza ashobora kuba yarabonye ko Rusi ahagaritse umutima. Bowazi yarakozwe ku mutima cane n’umutima rugabo wa Rusi n’ukuntu yagaragarije urukundo rudahera umuryango wiwe hamwe na Yehova, aca aramwemerera ko yomucungura ariko abanje kuraba ko bishoboka.
Bukeye, Bowazi yaragiye ku bashingantahe b’i Betelehemu arakora ivyo amategeko y’Imana yamusaba vyose. Yarubakanye na Rusi. Rusi yahavuye avyara umwana. Nawomi yarakunze cane ako kuzukuru kiwe Obedi. Umwami Dawidi yakomotse kuri uwo mwana kandi ni na we Mesiya yakomotseko imyaka amajana inyuma y’aho! (Mat. 1:5, 6, 16) Yehova yarahaye impera nyinshi Nawomi na Rusi kubera umutima rugabo bagaragaje.
Soma iyo nkuru muri Bibiliya:
Ikibazo co kuganirako:
Nawomi na Rusi berekanye gute umutima rugabo?
Niwinjire mu mizi
1. Ni kubera iki intungano yo muri Isirayeli yo gutoragura itari isanzwe mu karere k’ibihugu vy’Abarabu? (ia 39 ing. 23, akajambo k’epfo.) A
Ifoto A
Ifoto A
2. Ni igiki kitwereka ko igihe Rusi yaja aho Bowazi ari mw’ijoro atari ajanywe no gukora ubuhumbu? (ia 47 ing. 17-18)
3. Kuba Bowazi yise Rusi ngo «mukobwa wanje» bitwereka iki ku bimwerekeye? (Rusi 2:8; w16.11 3)
4. Mu buryo butandukanye n’urya mugabo yiswe ntuze, Bowazi yerekanye gute ko atagira ubwikunzi igihe yemera kwubakana na Rusi? (w23.03 14) B
Ifoto B
Rondera ivyigwa wohakura
Igihe turi mu bukene twokwigira iki ku gatima k’umwete no gukenguruka Rusi yagaragaje? C
Ifoto C
Igihe Nawomi yari yishwe n’intuntu, Rusi yaramufashije. Twigira iki kuri Nawomi ku bijanye no kwemera twicishije bugufi ko abandi badufasha? Twigira iki kuri Rusi ku bijanye no kuremesha abandi?
Ni mu bundi buryo ubuhe wokwigana umutima rugabo wa Nawomi na Rusi?
Zirikana mu buryo bwagutse
Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?
Ni ibiki nzobaza Nawomi na Rusi nibazuka?
Rondera kumenya n’ibindi
Ni ivyigwa ibihe bijanye n’urukundo rudahemuka twigira mu gitabu ca Rusi, kandi twobishira mu ngiro gute?
«Tubandanye kugaragarizanya urukundo rudahemuka» (w21.11 8-13)
Nukoreshe iyi bande dessinée yigana inkuru yo muri Bibiliya mu gufasha umuryango wawe kubona iyo nkuru mu bwenge.