ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wcg ikig. 24 rup. 114-rup. 117
  • Yarasutsemwo mabisi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yarasutsemwo mabisi
  • Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Niwinjire mu mizi
  • Rondera ivyigwa wohakura
  • Zirikana mu buryo bwagutse
  • Rondera kumenya n’ibindi
  • Yarakoranye ukwiyubara
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Yarakoranye ukwiyubara
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Abigayili na Dawidi
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • “Hahezagirwe ukwiyumvira neza kwawe”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
Ibindi
Gendana n’Imana n’umutima rugabo
wcg ikig. 24 rup. 114-rup. 117

24 ABIGAYILI

Yarasutsemwo mabisi

Integuro icapuwe
Integuro icapuwe

ABIGAYILI yari mu bihe bitoroshe kubera abagabo babiri bari bashavuye. Umwe muri abo bagabo yari umugabo wiwe Nabali. Yari umuntu mubi cane kandi atagira ubwenge. Uwundi yari Dawidi, umuntu yimereye neza cane, umusavyi wa Yehova w’intahemuka kandi yobaye umwami wa Isirayeli. Ariko Nabali yari yashavuje Dawidi, ivyo bikaba vyatumye ubuzima bw’abagabo bose bo mu rugo kwa Abigayili buja mu kaga. Abigayili yari umugore mwiza cane kandi aciye ubwenge. Ariko yari akeneye umutima rugabo kugira arokore abo mu rugo rwiwe.

Abigayili yamenye ivyo umugabo wiwe yari yakoze igihe umusuku wiwe yabimubwira. Yamubwiye ko Dawidi ariko araza ari kumwe n’abagabo 400 bafise ibirwanisho, kandi ko yiyemeje kwica Nabali «n’abo mu rugo rwiwe bose.» None yagomba abahore iki? Dawidi yari yasavye Nabali ngo amuhe ibifungurwa. Ico kintu yari yamusavye cari ikintu gisanzwe. Dawidi n’abantu biwe bari barakingiye ubutunzi bwa Nabali, abungere biwe n’ibitungwa vyiwe. Dawidi yararwanira Abisirayeli igihe baba batewe n’abansi, naho umwami Sawuli yariko aramuhama, akamwangaza ata co amuhora. Ariko igihe Dawidi yarungika abantu kwa Nabali ngo bamusabe ibifungurwa mu bwitonzi, Nabali yaciye abatuka, mbere yita Dawidi ngo ni umushumba yatorotse!

Uwo musuku yari azi ko ata kamaro ko kubibwira Nabali. Yabwiye Abigayili atarya umunwa ati: «[Ni] umuntu w’imburakimazi ata wogira ico amubwira.» Ariko yari yizigiye ko Abigayili yomwumvirije kandi agakora ikibereye. None Abigayili yaciye akora iki?

Yari azi ko abwirizwa kugira ico akoze adatebaganye, ariko yagumye atekanye. Yarateguye ibifungurwa vyinshi ashira Dawidi n’abo bari kumwe, abishira ku ndogobwa aca abirungikana abasuku biwe. Na we yaciye abakurikira ari ku ndogobwa. Nta na kimwe yabwiye Nabali. Ashobora kuba yari azi ko yohava amubuza gukora ikibereye.

Abigayili yaragize umutima rugabo aja guhura na Dawidi n’abantu biwe, naho bari bashavuye kubera ibintu vy’ubupfu umugabo wiwe yari yakoze

Igihe Abigayili yariko araza, Dawidi n’abantu biwe ntibashobora kumubona kuko yari akingiriwe n’umusozi. Ariko bamaze guhura, yaciye yururuka ningoga iyo ndogobwa, aja kuvugana na Dawidi naho yari ashavuye. Yaciye yunama imbere ya Dawidi mu maso hiwe hashika hasi, amusaba ngo amwumvirize. Dawidi yaramwumvirije kubera yabonye ingene yicisha bugufi.

Abigayili apfukamye ariko aringinga Dawidi n’abantu biwe. Inyuma yiwe hari ibifungurwa n’imibindi y’umuvinyu.

Abigayili yarasavye ikigongwe kubera ibintu vy’ubujuju umugabo wiwe yari yakoze, yongera arabwira Dawidi ko vyari bibereye ko ashavura. Yaravuze ko Dawidi yizera cane Yehova Imana kandi ko Yehova atoretse ngo Dawidi yice abantu ata co bazira ngo bitume yagirwa n’amaraso. Yavuze kandi ko Yehova yokwamye atora umuntu wo mu muryango wa Dawidi ngo abe umwami wa Isirayeli, kandi ko Yehova yofashije Dawidi gutsinda abansi biwe. Nta gukeka ko Abigayili yari azi ko Yehova yarobanuye Dawidi ngo abe ari we azoca aba umwami wa Isirayeli.

Amajambo meza kandi aranga ubukerebutsi Abigayili yavuze yatumye ishavu rya Dawidi rigabanuka. Dawidi yaciye avuga ati: «Haninahazwe Yehova Imana ya Isirayeli, we yakurungitse uyu musi guhura nanje.» Yarakeje Abigayili ko yari umugore aciye ubwenge, yongera aremera impanuro amuhaye yicishije bugufi. Yavuze ati: «Ivyo umbwiye navyumvise kandi nzokora ivyo unsavye.»

Muri ivyo vyose nta na kimwe Nabali yari azi. Muri iryo joro yariteretse inzimano ‘araborerwa cane.’ Abigayili yaramurindiriye gushika mu gitondo inzoga zimuvuyeko, abona kumubwira ivyabaye. Ariko biboneka ko yari akiri umuntu mubi nk’uko yari asanzwe ari. Mugabo Abigayili yaramwiganiye ivyari vyabaye vyose. Ashobora kuba yari yiteze ko Nabali aca amukankamira canke mbere akamukubita. Ariko nta vyo yakoze. Kubera iki? «Umutima wa Nabali [waciye] uba nk’uwuhagaze, arakongatara amera nk’ibuye.» Haheze nk’imisi cumi, «Yehova ateza urupfu Nabali.» Imana yarahanye Nabali kubera yanse gufasha Dawidi, uwo Yehova yarobanuye ngo azobe umwami. Yehova kandi yarahezagiye Abigayili mu gutuma umubano wiwe mubi uhagarara.

Yehova yarakoreye ibindi vyiza vyinshi Abigayili. Igihe Dawidi yamenya ko Nabali yapfuye, yaciye atumako Abigayili kugira amubere umugore, na we aremera. Dawidi yahavuye aba umwami w’Ubuyuda, mu nyuma aba uwa Isirayeli yose kandi we na Abigayili baravyaranye umwana w’umuhungu. Igihe kimwe abansi b’Imana baranyuruje Abigayili. Uwo mugabo wiwe w’umutima rugabo kandi yimereye neza yaciye aja kumurokora.

Soma iyo nkuru muri Bibiliya:

  • 1 Samweli 25:​1-43; 30:​1-6, 16-20

Ikibazo co kuganirako:

Abigayili yerekanye gute umutima rugabo?

Niwinjire mu mizi

  1. 1. Abigayili ashobora kuba yubakanye na Nabali kubera iki? (ia 77 ing. 6)

  2. 2. Igihe Dawidi yarungika abantu kwa Nabali, abasuku ba Nabali bariko baramwa ubwoya bw’intama ziwe. Vuga ivyaba mu gihe co kumwa ubwoya bw’intama. (w97 1/7 14 ing. 4-wcgr) A

Umuntu atunze intama ahagaze iruhande y’ihema ryiwe, ariko araha ibintu umwe mu bamoye ubwoya bw’intama ziwe. Abandi bavuye kumwa intama bariko baraza bafise ubwoya.

Ifoto A: Kumwa ubwoya bw’intama cari ikiringo giteye umunezero

Ifoto A: Kumwa ubwoya bw’intama cari ikiringo giteye umunezero

  1. 3. Ni kubera iki Nabali yari akwiye gukenguruka ukuntu abasoda ba Dawidi bamufashije? (ia 78 ing. 9-10) B

    Imisozi itimbuka hafi y’i Karumeli.

    Hanan Isachar/Alamy Stock Photo

    Ifoto B: Karumeli yari ikikujwe n’akarere k’urubuyebuye kandi kagadutse

  2. 4. Abigayili yashaka kuvuga iki igihe yavuga ko ‘Yehova yotekeye ubuzima bwa Dawidi mw’isaho y’ubuzima’? (1 Sam. 25:29; it «Vie» ing. 45-wcgr)

Rondera ivyigwa wohakura

  • Abagabo bokwigira iki ku kuba Dawidi yarumvirije impanuro Abigayili amuhaye? C

    Umuvukanyi yashavuye ari muri ambuteyaje, ariko arakankamira uwundi mushoferi mu gihe umugore wiwe ariko aragerageza kumutururuza.

    Ifoto C

  • Bashiki bacu bubakanye n’abatari Ivyabona vya Yehova bokwigira iki kuri Abigayili?

  • Wokwigana gute umutima rugabo wa Abigayili?

Zirikana mu buryo bwagutse

  • Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?

  • Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?

  • Ni ibiki nzobaza Abigayili niyazuka?

Rondera kumenya n’ibindi

Umukirisu yokora iki kugira ngo akomeze umubano wiwe igihe yubakanye n’umuntu adasenga Yehova?

Umubano ni uw’ibihe vyose (4:30)

Abigayili yarafashije Dawidi gucungera ishavu ryiwe. Woshobora gute gucungera ishavu igihe hari umuntu agusomborokeje?

“Ugutahura kwimbitse kw’umuntu ntikubura guhwamika ishavu ryiwe” (w14 1/12 12-13)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika