29 ELIYA
«Imana yanje ni Yehova»
ELIYA! Inkuru yiwe itangura muri Bibiliya bukwi na bukwi nka kurya kw’umuturagaro mu kirere kitagiramwo ibicu. Abami batandatu ba mbere batwaye ya miryango cumi ya Isirayeli bari babi cane. Ahabu yabaye umwami agira indwi kandi Yehova yabonye ko yari mubi cane kurusha bose. Ahabu yubakanye n’umwamikazi mubi w’umunyamahangakazi yitwa Yezebeli. Ahabu yasenga ibigirwamana, ariko umugore wiwe wewe yari kaminuza. Yasenga imana y’ikinyoma Bayali, bikaba bishoboka ko harimwo n’ivyo gutanga abana kw’ikimazi. Mbere yarosha umugabo wiwe hamwe n’Abisirayeli gusenga Bayali. Umusi umwe Eliya yaraje kwa Ahabu. Yehova yari yamurungitse ngo acire urubanza umwami Ahabu, ngo amubwire ivyo yari agiye kumukorera.
Kugira Eliya ashikane ubwo butumwa, yabwirizwa kugenda urugendo rurerure ava i Gileyadi aja i Samariya. Urwo rugendo ntirwari rworoshe kuko ico gihugu carimwo urubuyebuye. Igihe amaherezo Eliya yashika i Samariya, yaciye aja ku kirimba kinini cane kwa Ahabu. Mbere ico kirimba citwa «inzu y’amasenge», kumbure kubera ukuntu cari cubakishijwe ibintu bizimvye cane. (1 Abm. 22:39) Niwihe ishusho Eliya yambaye impuzu isanzwe y’ubwoya n’umukaba munini w’urushato, ariko aratambuka muri ico kirimba cakaka, hama agahagarara imbere y’umwami maze akamubwira ko imana yiwe Bayali ata co imaze! Nimba Yezebeli yari kumwe na Ahabu igihe Eliya yashikiriza ubwo butumwa, nta gukeka ko Yezebeli yashavuye cane. Uwo muhanuzi w’umutima rugabo yarabamenyesheje ko imana babona ko itanga imvura ata co yobamariye. Yehova yagira ateze uruzuba rukomeye mu gihugu, kandi urwo ruzuba rwomaze igihe kirekire gushika Eliya umusavyi wa Yehova amenyesheje ko imvura igiye gusubira kugwa!
None Eliya yakuye hehe umutima rugabo wo gushikiriza ubwo butumwa? Kimwe mu vyamufashije kiraboneka mu majambo yavuze. Yatanguye gushikiriza ubutumwa bwiwe avuga ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima, Imana ya Isirayeli nkorera.» Imvugo y’igiheburayo yahinduwe ngo «nkorera» isobanura ngo «mpagarara imbere.» Eliya yari ahagaze imbere y’umwami akomeye w’umuntu. Ariko rero uwo muhanuzi yari azi ikintu gihambaye kuruta: yari azi ko asenga Yehova Imana, ko rero yahagarara imbere yiwe. Naho Ahabu na Yezebeli bashobora kuba basa n’abateye ubwoba kandi bafise ububasha, nta co bari bavuze ubagereranije na Yehova. Ico kintu gishobora kuba caratumye Eliya agira umutima rugabo!
Eliya abigiranye umutima rugabo yaravuganye n’umwami be n’umwamikazi b’ababisha hamwe n’ihanga ry’abagarariji, yongera ariheka kuri Yehova igihe yari afise ubwoba
Eliya yarabandanije kugira umutima rugabo mu gikorwa yarangurira Yehova. Yarawugaragaje igihe yagamburukira Yehova agahungira mu mwonga ari wenyene mu gihe c’uruzuba n’inzara. Yanywa amazi yo muri uwo mwonga, ibikona na vyo bikamuzanira ibifungurwa. Yaragaragaje umutima rugabo kandi igihe Yehova yamurungika i Sidoni, akarere katwarwa na se wa Yezebeli, kugira afashe umupfakazi yizera Imana. Yaranagaragaje umutima rugabo igihe yahagarara ku musozi Karumeli ahanganye n’abahanuzi ba Bayali 450, maze akabereka ko Yehova wenyene ari we Mana y’ukuri. Eliya yabayeho ahuza n’izina ryiwe, irisobanura ngo «Imana yanje ni Yehova.»
Ariko rero, Eliya «yari umuntu ameze nkatwe.» (Yak. 5:17) Vyarashika akagira ubwoba. Igihe Ahabu yanka kugira ivyo ahinduye amaze kubona ibitangaro vyabereye ku musozi Karumeli, Yezebeli na we akarahira ko azokwica Eliya, uwo muhanuzi yaciye atekerwa n’ubwoba aca arahunga. Yaracitse intege cane ku buryo abwira Yehova ko yipfuza gupfa, ko yumva ata co amaze kandi ko ataruta ba sekuruza biwe bari barapfuye. Mugabo Yehova yaramwumvirije yihanganye. Mu nyuma Eliya yarabwiye Yehova incuro zibiri ko yari wenyene be n’uko afise ubwoba, kandi ko naho yakoze agatama ivyo yakoze vyabaye impfagusa. Yehova yarahumurije uwo muhanuzi ko atari wenyene, be n’uko amushima kandi ko akiri kirumara. Yehova mbere yarahaye uwo muhanuzi uwumufasha, uwo yomenyereje akamutegura kugira azobandanye ico gikorwa c’ubuhanuzi.
Eliya ntiyatevye kuja kurondera uwo muntu, akaba yari Elisha. Bompi uko ari babiri barabandanije gukorera Yehova no gushikiriza ubutumwa bwiwe muri ivyo bihe bitoroshe. Elisha yarafashije uwo mugenzi wiwe ashaje yongera aragira ivyo amwigiyeko. Eliya abifashijwemwo na Yehova, yarasubiye kugira umutima rugabo maze arawugumana ubuzima bwiwe bwose.
Soma iyo nkuru muri Bibiliya:
Ikibazo co kuganirako:
Eliya yerekanye gute umutima rugabo?
Niwinjire mu mizi
1. Ni kubera iki vyari bibereye kubona ibikona ari vyo vyazanira Eliya ibifungurwa? (it «Corbeau» ing. 5-wcgr) A
Lior Kislev
Ifoto A
2. Ni ibitangaro ibihe Eliya yakoze? (it «Éliya» No. 1 ing. 11-wcgr)
3. Ku musozi Karumeli, Eliya yategetse abagabo kwuzuza amazi mu muvo munini. None ko hari uruzuba rukaze cane, ayo mazi bayakura he? (ba 17 ing. 3-wcgr) B
Todd Bolen/BiblePlaces.com
Ifoto B: Ifoto y’umusozi Karumeli n’ikiyaga Mediterane
4. Impuzu y’abahanuzi Eliya yambara yerekana iki, kandi ni kubera iki yayitereye ku bitugu vya Elisha? (w14 1/2 12 ing. 3)
Rondera ivyigwa wohakura
Dufatiye ku kuntu Yehova yafashe Eliya, ni gute twotuma abavukanyi na bashiki bacu biborohera kutuyagira igihe bacitse intege? (1 Abm. 19:1-18) C
Ifoto C
Eliya yarahimbawe no kumenyereza Elisha igikorwa yakora. Twokwigana gute ukuntu yavyifashemwo igihe tumenyereza abandi canke igihe tubashinga amabanga twari dufise?
Ni mu bundi buryo ubuhe wokwigana umutima rugabo wa Eliya?
Zirikana mu buryo bwagutse
Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?
Ni ibiki nzobaza Eliya niyazuka?
Rondera kumenya n’ibindi
Raba ividewo yerekana ingene Yehova yakomeje Eliya kugira arangure igikorwa yamushinze.
Akarorero k’abagaragaje ukwihangana—Abahanuzi ba kera—Eliya (1:19)