53 PAWULO
«Ndabasavye mureme»
IGIHE Pawulo yacika umukirisu, Yezu yaramuhishuriye «ibintu vyose [vya]tegerezwa kumushikira» mu gikorwa co kwamamaza no kwigisha inkuru nziza. None ivyo Yezu yavuze vyoba vyararangutse? Haciye nk’imyaka 20 Pawulo abaye umukirisu, yarandikiye Abakorinto ikete rigira kabiri. Ico gihe yari amaze ‘gukubitwa inkoni zidaharurika, agarukira ku cobo kenshi.’ Yavuze kandi ko ubwato bwari bumaze kumusabirako gatatu. Hari n’igihe yamaze ijoro n’umurango mu kiyaga. Ariko kandi haciye imyaka mikeyi yandikiye Abakorinto, ubwato bwarasubiye kumusabirako.
Pawulo yamaze imyaka irenga ibiri ari mw’ibohero mu gisagara ca Sezariya i Yudaya. Buramatari ntiyashaka kumurekura kubera yashaka ko amuha igiturire. Mu nyuma hari uwundi yamusubiriye ku butegetsi ng’aho i Sezariya, Pawulo aca amusaba ko yokwungururiza kwa Sezari. Baciye bamwuriza ubwato bamujana i Roma. Urugendo rwo kuva i Sezariya gushika i Roma rwari nk’ibilometero 3.000. Muri ubwo bwato Pawulo yari kumwe n’abagenzi biwe babiri ari bo Luka, «umuganga mukundwa» hamwe na Arisitariko.—Kol. 4:14.
Ubwato bwatanguye gushika aho bita Mira. Aho ni ho intwazangabo imwe y’Umuroma yaciye yuriza Pawulo n’izindi mbohe mu bundi bwato buja mu Butaliyano. Bari muri urwo rugendo, umuyaga ukomeye waratumye bitaborohera kubandanya. Luka aravuga incuro zibiri ko urwo rugendo rutoroheye abatwara ubwato. Baciye bahagarika ubwo bwato ahantu hitwa Bivuko-Vyiza mu kurindira ko uwo muyaga uturura. Pawulo yabona ko boguma aho hantu urushana rwose kuko yari azi ko vyoba birimwo akaga gakomeye kuja i Roma muri ico kiringo.
Pawulo abigiranye umutima rugabo, arabwira Yuliyo ko bakwiye kuguma aho. Yaramubwiye ko baramutse babandanije urugendo hari ivyoshobora ‘kwononekara, hakaba n’uruhombo rukomeye.’ Ariko Yuliyo ntiyemeye ivyo Pawulo amubwiye, ahubwo yemeye ivyo abwiwe n’abatwara ubwato. Iyo ngingo yafashe yaratumye yicuza mu nyuma. Luka avuga ko ‘umuyaga ukaze wisutse’ kuri bo kandi ko ‘ubwato bwakubiswe n’umuyaga bimwe bikaze.’ Uwo muyaga warushirije gukomera haca haba imipfunda ikaze. Bamaze imisi bazungazungishwa n’igihuhusi. Kugira ngo ubwato ntibwibire, baciye batangura kuburemurura mu guta ibintu bimwebimwe mu kiyaga. Bamaze imisi ata muntu n’umwe afungura. Luka yavuze ko haheze nk’indwi zibiri, ‘baciye batangura kwihebura, babona ko batazohakura agatwe.’
Igihe Pawulo yari imbohe, yarafashije abo bari kumwe mu bwato kurokoka igihuhusi gikomeye
Ibintu vyararushirije kwunyuka. Ariko Pawulo yararemesheje abari muri ubwo bwato ati: «Ndabasavye mureme.» Yongeyeko ati: «[Nta] muntu n’umwe muri mwebwe azohasiga agatwe, ariko ubwato bwo ntibuzorokoka.» Igihe bamwe mu batwara ubwato bashaka guhungira mu kandi kato, Pawulo yaciye ababwira ko batagumye muri ubwo bwato, abantu benshi boshobora kuhasiga ubuzima. Abasoda baciye bacacura imigozi yari ifashe ako kato ata n’umwe arakajamwo.
Buri mu guca, Pawulo yabwiye abantu bose bari mu bwato ko borya bimwe mu bifungurwa bari bafise. Yababwiye ati: «Nta n’umwe muri mwebwe azogira ico aba.» Pawulo yaciye abanza gushimira Yehova ku bw’ivyo bifungurwa. Barafunguye, hanyuma ibisigaye babita mu kiyaga. Luka avuga ko ivyo Pawulo yavuze be n’ivyo yakoze vyaremesheje cane abagabo bose bari muri ubwo bwato. Izuba ryaserutse ubwato buri mu gushika ku nkengera y’ikiyaga. Ariko bwarisetse ku kirundo c’umusenyi cari musi y’amazi buca butangura kumenagurika kubera imipfunda yaguma ibwisukako. Naho biri ukwo, ivyo Pawulo yavuze vyararangutse. «Bose bashi[tse] i musozi badora.» Bashitse impore!
Basanze bari kw’izinga ryitwa Malita. Pawulo na bagenziwe ntibatevye gutangura kwamamaza. Imana yaranakoresheje Pawulo arakora ibitangaro. Abantu baho barashimiye cane Pawulo na bagenziwe, babafata neza, bongera barabaha ingabire nyinshi.
Pawulo ntiyigeze areka kugaragaza umutima rugabo. Igihe amaherezo yashika i Roma mu gihe c’impeshi, yaciye apfungwa amara nk’imyaka ibiri acunzwe. Ariko yabandanije kwamamaza no kwandika amakete ahumekewe n’Imana. Amaze kurekurwa, yarabandanije kwamamaza. Mu nyuma yarasubiye gupfungirwa i Roma, iryo rikaba ryari irya nyuma. Biboneka ko abo Baroma ari bo bahavuye bica uwo mugabo w’umutima rugabo kandi w’umwizigirwa. Yamara Pawulo ntiyatinya gupfa. Yari yarigeze kuvuga ko urupfu ari «umwansi wa nyuma», kandi yari azi ko Yehova Imana yorukuyeho. (1 Kor. 15:26) Igihe Imana yashinze nicagera, Pawulo azohimbarwa no kuronka impera yamaze igihe arindiriye, ni ukuvuga ubuzima budapfa ari umwami n’umuherezi afadikanya na Yezu Kristu kuganza.
Soma iyo nkuru muri Bibiliya:
Ikibazo co kuganirako:
Pawulo yerekanye gute umutima rugabo muri ico kiringo c’ubuzima bwiwe?
Niwinjire mu mizi
1. Ni kubera iki Sawuli ashobora kuba yahisemwo gukoresha izina ryiwe ry’ikiroma ari ryo Pawulo? (w08 1/3 12 ing. 4-5)
2. Kuva Pawulo asubiye i Taruso gushika igihe yimukira i Antiyokiya haciye ikiringo c’imyaka icenda. Ico kiringo ciswe «imyaka yiwe y’agacerere.» Ni ibiki none vyashikiye Pawulo muri ico kiringo? (w00 15/7 26-27, uruzitiro ing. 3-4-wcgr)
3. Kubera iki Pawulo yasavye Yuliyo ko bokwungururiza urugendo rwo kuja mu Butaliyano ikindi gihe? (Ivyak. 27:9, 10; wp17.5 9 ing. 3-4) A
Ifoto A: Ubwato butwara ibidandazwa bwo mu kinjana ca mbere, busa n’ubwo Pawulo yagendeyemwo i Mira
4. Kubera iki abantu b’i Malita bavuze ku bijanye na Pawulo ngo: «Uyu muntu ni umwicanyi?» (Ivyak. 28:4; w15 1/10 9 ing. 5-6)
Rondera ivyigwa wohakura
Pawulo yabwiye abo bari kumwe mu bwato ko Imana izobafasha kandi ko «[ata] n’umwe muri [bo] azogira ico aba.» (Ivyak. 27:22, 34) Ivyo bikwigisha ko Imana ifise n’ububasha bwo gukora iki? Ivyo bituma ubona gute igikorwa co kwamamaza?
Pawulo amaze gutura isengesho, abo bari kumwe mu bwato bose ‘bararemye.’ (Ivyak. 27:35, 36) Amasengesho yacu ashobora kuremesha abandi mu buryo ubuhe? B
Ifoto B
Wokwigana gute umutima rugabo Pawulo yagaragaje muri iyi nkuru?
Zirikana mu buryo bwagutse
Iyi nkuru inyigishije iki ku vyerekeye Yehova?
Iyi nkuru ifitaniye isano irihe n’umugambi wa Yehova?
Ni kamere nziza izihe Pawulo yagaragaje muri iyi nkuru zituma uhimbarwa no kuba Yehova yaramutoye ngo afadikanye na Kristu kuganza?
Rondera kumenya n’ibindi
Nurabe ukuntu ubwato bwari bufise akamaro mu gihe ca Pawulo, n’ukuntu abakirisu babukoresha mu kwamamaza mu bibanza bitandukanye.
«Mu kaga mu kiyaga» (w99 15/3 29-31-wcgr)
Nka kumwe kwa Pawulo, ni gute abakurambere bamwebamwe bihangana kandi bagafasha abavukanyi na bashiki bacu?
Niwigane abatorana ya mihango biciye ku kwihangana: Pawulo (3:22)