ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w97 1/8 rup. 4-6
  • Ukuntu Wokwigisha Ijwi ryo mu Mutima

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukuntu Wokwigisha Ijwi ryo mu Mutima
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Umuzirikanyi, Umutima, n’Ijwi Ryawe ryo mu Mutima
  • Igihe Dukoze Inabi
  • ‘Nugire Ijwi ryo mu Mutima Ritakwagiriza Ikibi’
  • Ingene wogumana ijwi ryo mu mutima ryiza
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
  • Nugire ijwi ryo mu mutima ryiza
    Nugume mu rukundo rw’Imana
  • Ijwi ryawe ryo mu mutima ryoba ryaramenyerejwe neza?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Ijwi ryawe ryo mu mutima ryoba rikuyobora mu buryo bwo kwizigirwa?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
w97 1/8 rup. 4-6

Ukuntu Wokwigisha Ijwi ryo mu Mutima

“I JWI ryo mu mutima ritagiriza ikibi ni wo musego mwiza uhebuje.” Iryo jambo ry’aba kera riragaragaza ukuri guhambaye: Igihe twumviye ijwi ryacu ryo mu mutima, turaronka amahoro y’imbere muri twebwe kandi tugatekanirwa.

Mugabo si bose bahitamwo kuryumvira. Adolf Hitler yiyise ko yatumwe kubohoza umuntu akava mu vyiremero canke ivyibesho bitesha ubuntu, vyitwa ngo ni ijwi ryo mu mutima. Intwaro y’iterabwoba irerekana bimwe bibabaje ukugene abantu bashobora kuba ibimwenyi igihe bateye akagere ijwi ryabo ryo mu mutima. Mugabo na ba ruburakigongwe nyene usanga ari benshi mu nkozi z’ikibi zikaze za kino gihe—abafata abagore ku nguvu kandi bakica ata kudororongwa. Abarushiriza kuba benshi muri abo bakora ayo mabi ni abakiri bato cane. Hari igitabu kimwe rero gitohoza ivyo bintu cari gifise agatwe kavuga ngo Children Without a Conscience (Abana Batagira Ijwi ryo mu Mutima).

Naho abantu benshi batokwigera biyumvira gukora ikibi c’ubukazi, benshi usanga ata mutima usimba ku vyerekeye ukuja mu vy’ubusambanyi, mu bubeshi canke mu vya forode. Ivy’ukwigenza runtu nka hose bitera bitituka. Igihe intumwa Paulo yariko avuga ivy’ubuhuni buhambaye bw’abotaye ugusenga kw ukuri, yanditse yuko Abakirisu bamwebamwe botwawe n’akosho k’isi gutyo bagacika ‘abokejwe icapa mw ijwi ryabo ryo mu mutima.’ (1 Timoteyo 4:2) Ukubangamirwa n’ivy’ukwononekara kurasumbirije mbere muri iki gihe co mu “misi y’iherezo.” (2 Timoteyo 3:1) Abakirisu bategerezwa rero kwigora kugirango bazigame ijwi ryabo ryo mu mutima. Ivyo dushobora kubigira mu kuryigisha no mu kuritsimbataza.

Umuzirikanyi, Umutima, n’Ijwi Ryawe ryo mu Mutima

Intumwa Paulo yavuze ati: “Ndavuga ukuri muri Kristo, simbesha, ijwi ryo mu mutima wanje ribgiririkanya nanje [mu mpwemu yera].” (Abaroma 9:1) Ijwi ryo mu mutima rero rirashobora kuba igishinga intahe. Rirashobora gutohoza ukuntu umuntu yigenza hanyuma rikabishima canke rikabinegura. Bwinshi mu bubasha bwo kumenya iciza n’ikibi twabushizwemwo n’Umuremyi wacu. Mugabo ijwi ryacu ryo mu mutima rirashobora kumereshwa ukundi kandi rikigishwa. Gute? Igihe twakira ubumenyi ntagakosa buva mw Ijambo ry’Imana. Intumwa Paulo aravuga, ati “Ntimushushanywe n’ivy’iki gihe, yamara muhinduke rwose, mugize imitima misha, kugira ngo mumenye neza ivy’Imana igomba, ni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose.” (Abaroma 12:2) Uko ubadika ivyiyumviro vy’Imana hamwe n’ukugomba kwayo mu muzirikanyi wawe, ijwi ryawe ryo mu mutima riratangura kurushiriza gukora mu buryo Imana igomba.

Ivyabona vya Yehova barafashije abantu amamiliyoni bo hirya no hino kw isi kugirango ‘bamenye Yehova Imana na Yezu Kirisitu.’ (Yohana 17:3) Biciye ku ntondeko y’ivy’ukugirira umuntu inyigisho ya Bibiliya i muhira ata co arishe, barigisha abantu b’inziraburyarya ingingo za Yehova Imana zigenga ivy’ukwimara inambu y’umubiri, ivy’ukunywa inzoga z’ubukari, umubano w’ababiranye, ivy’ubucuruzi hamwe n’ibindi vyinshi.a (Imigani 11:1; Mariko 10:6-12; 1 Ab’i Korinto 6:9, 10; Abanyefeso 5:28-33) Kwakira ‘ubumenyi butarimwo agakosa’ ni intambwe ihambaye mu vy’ugutsimbataza ijwi ryo mu mutima ryibanga Imana. (Ab’i Filipi 1:9) Birumvikana ko no mu gihe nyene Umukirisu amaze kuronka ugutahura ivya Bibiliya gukomeye, ategerezwa kugaburira umuzirikanyi wiwe kw Ijambo ry’Imana ubudahengeshanya niba agomba ko ijwi ryiwe ryo mu mutima riguma rikarishe.—Zaburi 1:1-3.

Bibiliya kandi ifatanya ijwi yo mu mutima n’umutima w’ikigereranyo, uno ukaba urimwo n’inyiyumvo zacu hamwe n’akanyengetera dufise. (Abaroma 2:15) Kugirango ijwi ryo mu mutima rikore mu buryo bubereye, umutima n’umuzirikanyi bikwiye gukorera hamwe bihuza. Ivyo bisigura kugira ibiruta kwinjiza gusa amakuru mu muzirikanyi wawe. Utegerezwa no guhindura umutima wawe—ni ukuvuga inyiyumvo zawe z’indani, ivyipfuzo vyawe, hamwe n’ivyo uhozako umutima. Igitabu c’Imigani rero gikoresha amajambo nk’aya ngo “Ugashira umutima,” ‘ushire umutima ku,’ na “Urōngōre umutima wawe.” (Imigani 2:2; 23:19; 27:23) Uburyo bumwe bwo kubigira, ni mu kuzirikana no kurimbura Ivyanditswe. Muri Zaburi 77:12 havuga, hati “Nzokwiyumvira ivyo wakoze vyose, nshire umutima ku bikomeye wakoze.” Kuzirikana biradufasha gushikira inyiyumvo zacu z’imbere hamwe n’imvo zituma dukora.

Nk’akarorero tuvuge ko ufise akamenyero k’ubuhumane, nk’ukwizizirwa n’itabi. Nta gukeka urazi neza ko bigeramiye amagara, nk’uko n’abantu batari bake babizi. Mubabo naho abagenzi n’abaryango bama bakoma induru, ugasanga kuriheba atari icoroshe. Ukuzirikana ubutumwa bwa Bibiliya bishobora gukomeza ijwi ryawe ryo mu mutima gute muri ivyo?

Nk’akarorero, gerageza kuzirikana aya majambo yavuzwe n’intumwa Paulo dusanga muri 2 Ab’i Korinto 7:1: “Nuko bakundwa, ko dufise ivyo vyasezeranywe, twiyuhagire ubuhumane bgose bg’umubiri n’ubg’umutima, kuba abera tugushikishe kwubaha Imana.” Rondera gutegera ayo majambo. Niwibaze uti: ‘Ariko none ivyo “vyasezeranywe” Paulo avuga ni ibiki?’ Usomye amakikuro, usanga imirongo ikurikirwa n’uwo ivuga iti: “Nuko muve hagati ya ba bandi, mubitandukanyeko, ni k’Uhoraho agize, kandi ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe; nanje nzobakira, kandi nzobabera So, namwe muzombera abahungu n’abakobga, ni k’Uhoraho ashobora vyose agize.”—2 Ab’i Korinto 6:17, 18.

Ibwirizwa Paulo atanga ryo ‘kwiyuhagira ubuhumane bwose’ ubu rirakomeye kuruta! Ikintu gikomeye cotuma tubigira, ni uko Imana isezerana ko ‘izotwakira,’ ni ukuvuga kutubungabunga adukingira. Kumbure wokwibaza, uti ‘ubwo nogiriranira na we ubucuti bukomeye—nk’ubw’umuhungu canke umukobwa agiriranira na se?’ Iciyumviro c’‘ukwakirwa’ canke gukundwa n’Imana y’ubukerebutsi kandi yuzuye urukundo si igikwegera none? Niba ico ciyumviro gisa n’ikitakwinjira, niwitegereze ukugene ba se b’ibibondo b’abanyarukundo baserurira urukundo n’igishika abana babo. Hanyuma rero, niwiyumvire ubunywanyi nk’ubwo nk’uko bwoba buri hagati yawe na Yehova! Uko ivyo urushiriza kubizirikana, ni ko icipfuzo cawe c’ukubona ubucuti mwen’ubwo kirushiriza gukura.

Mugabo uramenya: Ugushikirana n’Imana gushoboka gusa mu gihe ‘uretse gukora ku kintu gihumanya.’ Niwibaze uti: ‘Ukwizizirwa n’itabi ntivyoba biri mu “bintu bihumanya” Imana yanka? Kurikoresha vyoba bishobora kuba ‘uguhumanya umubiri,’ nkaba nihaye ingeramizi z’amagara z’ubwoko bwose? Ko Yehova ari Imana idahumanye, canke ‘yeranda,’ yoba ishobora kuraba ryiza ukwihumanya kwanje muri ubwo buryo kw’ibigirankana?’ (1 Petero 1:15, 16) Urabona ko Paulo yagabishije kandi ku vyerekeye ‘ubuhumane bg’umutima,’ canke impengamo yo mu bwenge. Niwibaze uti: ‘Ukwo kwizizirwa na ryo kwoba kuganza ukwiyumvira kwanje? Mbega noshika kure kugirango nimare inyota, kumbure bigahakwa kumerera nabi amagara yanje, abanje, canke mbere ukuntu nifashe imbere y’Imana? Ukwizizirwa n’itabi nakuretse ngo kwonone ubuzima bwanje ku rugero rungana iki?’ Guhangana n’ivyo bibazo bikora ku mutima vyoshobora neza cane kuguha ingoga zo kuriheba!

Ego ni ko ushobora kuba ukeneye gufashwa no gufatwa mu mugongo n’abandi kugirango itabi ushobore kuritsinda. Mugabo, kuzirikana ivyo muri Bibiliya birashobora gukora vyinshi kugirango wigishe wongere ukomeze ijwi ryawe ryo mu mutima ukabona kwiganzura ukwo kwizizirwa na ryo.

Igihe Dukoze Inabi

Naho tugira utwigoro gute ngo dukore ivyiza, rimwe na rimwe udusembwa twacu turatwifatira tugakora amakosa. Ijwi ryacu ryo mu mutima rero rica ritubuza amahoro, mugabo dushobora kwoshwa ngo turyiyobagize. Canke turashobora kuvunika intege cane ku buryo dushaka guheba utwigoro twose tugira ngo dusukurire Imana. Mugabo, ibuka ivyabaye ku Mwami Dawidi. Aho amariye gusambana na Bati-sheba, ijwi ryiwe ryo mu mutima ryaramuteye umusonga. Yaradondoye ububabare yagize, ati “Ukuboko kwawe kwandemēra ku murango no mw ijoro, ukubengagira kwanje kugahinduka nk’ukwuma kwo mu ci.” (Zaburi 32:4) Vyarababaza? Cane nyene! Yamara uwo mubabaro ujanye n’ukwibanga Imana watumye Dawidi yigaya yongera arasubiza hamwe n’Imana. (Gereranya na 2 Ab’i Korinto 7:10.) Ukwitabariza kwa Dawidi asaba ikigongwe kuratanga ikimenyamenya gihagije c’uko yari yigaye ata buryarya. Kubera ko Dawidi yumviye ijwi ryiwe ryo mu mutima, yarafashijwe guhinduka hanyuma amaherezo arasubira kugira umunezero.—Zaburi 51.

No muri iki gihe ibintu nk’ivyo birashobora gushika. Hariho abiganye Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova mu gihe caheze ariko bagahagarika aho bamenyeye yuko ubuzima bwabo budahuje n’ingingo ziri hejuru z’Imana. Kumbure bari babanye n’umuntu badasangiye igitsina ariko batabiranye, canke bakaba ari abaja b’ingeso zihumanye. Ijwi ryabo ryo mu mutima ryarabatuntuje!

Niba ivyawe vyifashe gutyo, rimbura ya majambo intumwa Petero yavuga ku musi wa Pentekote. Igihe yashira ku kabarore ivyaha vy’Abayuda nka we, ‘vyarabacumise mu mitima.’ Haguheba, barumviye impanuro Petero abahaye yo kwigaya, hanyuma Imana ibona kubashima. (Ivyakozwe n’intumwa 2:37-41) Ushobora kugira nk’ukwo nyene! Aho kuva mu kuri kubera ijwi ryo mu mutima rigutuntuje, reka rigutume ‘wigaya uhindukire.’ (Ivyakozwe n’intumwa 3:19) Ubishizemwo ugushaka n’akigoro, urashobora guhindura ibikeneye guhindurwa kugirango ushimwe n’Imana.

‘Nugire Ijwi ryo mu Mutima Ritakwagiriza Ikibi’

Waba ariho ugitangura kwiga inzira za Yehova canke ukaba umaze imyaka itari mike uzi utuntu n’utundi bwa Mukirisu ahumuye, iyi nkeburo ya Petero irabereye: “Mu[gire] imitima itarimw’ijwi ribagiriza ikibi.” (1 Petero 3:16) Ni ubutunzi si umutwaro. Nuryigishe mu kugaburira umuzirikanyi wawe n’umutima wawe ku bukerebutsi buri mw Ijambo ry’Imana Bibiliya. Umvira ijwi ryawe ryo mu mutima igihe rikuburira. Niwumve amahoro yo mu muzirikanyi ari indani azanwa n’ijwi ryo mu mutima umuntu afise rigamburuka.

Turashobora kwemera yuko kwigisha no kumeresha ukundi ijwi ryo mu mutima atari igikorwa coroshe. Ariko rero, urashobora gusenga Yehova kugirango agufashe. Agufashije, uzoshobora gusukurira Imana ‘bivuye kw ijwi ryo mu mutima ritakwagiriza ikibi no ku kwizera kutarimwo uburyarya.’—1 Timoteyo 1:5.

[Akajambo k’epfo]

a Ntiwitinye gushikira ikorane ry’Ivyabona vya Yehova ry’aho iwanyu canke kwandikira abasohoye iki kinyamakuru niba woshima ko hagira uwukwigisha Bibiliya ku muhana ataco urinze kuriha.

[Ifoto ku rup. 6]

Gusoma no kuzirikana kw Ijambo ry’Imana biradufasha kwigisha ijwi ryo mu mutima

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika