“Ukudora kw’Umuzirikanyi” Uko Umuhero Wegereza
“Umuhero wa vyose uri hafi: nuko [mube abadora mu muzirikanyi, “NW”].”—1 PETERO 4:7.
1. Kuba “abadora mu muzirikanyi” birimwo iki?
AYO majambo ari aho haruguru y’intumwa Petero akwiye kugira ico akoze gishika kure, ku kuntu Abakirisu babayeho. Ariko rero, Petero ntiyabwiye abasomyi biwe ngo bahebe amabanga bashinzwe y’ivyo mw isi hamwe n’ivyo bitwararika vyo mu buzima; eka mbere ntiyabaremesheje ko bokwamana umutima mu kirere ku vyerekeye agatikizo kimirije. Ahubwo yahimirije ati: “Mube abadora mu muzirikanyi.” Kuba “abadora mu murizikanyi” birimwo ukuba abantu babona ibintu neza, kuba abanyurwa n’ibintu, bazi ubwenge, kuba dukoresha ubwenge mu mvugo no mu ngiro zacu. Bisobanura ukureka Ijambo ry’Imana rigategeka ukwiyumvira kwacu n’ingiro zacu. (Abaroma 12:2) Kubera ko tuba mu ‘b’iki gihe bagoramye b’ibidambidambi,’ umuzirikanyi udora urakenewe kugirango twikinge imbangamyi n’ingorane.—Ab’i Filipi 2:15.
2. Ni gute ukwihangana kwa Yehova kwungura Abakirisu muri iki gihe?
2 “Ukudora kw’umuzirikanyi” kandi kuradufasha kwibona mu buryo butarengeje urugero, ata kwibesha. (Tito 2:12, NW; Abaroma 12:3) Ivyo ni ntahara turavye amajambo yanditswe muri 2 Petero 3:9, ngo “Umwami Imana ntitebeje isezerano ryayo, uko bamwe biyumvira kw iritevya. Ariko yihanganira mwebge, ntigomba ko hagira abahona, arikw igomba ko bose bihana.” Urabona ko Yehova yihanganye, atari kubera abatizera gusa, ariko kandi “yihanganira mwebge”—abagize ikorane rya gikirisu. Kubera iki? Kuko “[ata]gomba ko hagira abahona.” Kumbure bamwebamwe baracakeneye kugira ivyo bahinduye n’ivyo babogoye kugira bakwize ibisabwa ngo baronke impano y’ubuzima budashira. Reka rero turabe ahantu hokenerwa ibibogorwa.
“Ukudora kw’Umuzirikanyi” mu Migenderanire Ubwacu Dufitaniye
3. Ni ibibazo ibihe abavyeyi bokwibaza ku biraba abana babo?
3 I muhira hakwiye kuba ari ubwugamo bw’amahoro. Ariko kuri bamwebamwe ni ‘inzu yuzuye imitongano.’ (Imigani 17:1) Urugo rwanyu rwo bite? I muhira iwanyu hoba hatabazwa “umururazi . . . no kujingitwa n’uburake no gutongana no gutukana”? (Abanyefeso 4:31) Abana banyu bo bite? Boba bumva bakundwa kandi bashimwa? (Gereranya na Luka 3:22.) Mwoba mufata umwanya wo kubacisha ubwenge no kubamenyereza? Mwoba ‘mutoza indero mu bugororotsi’ hakuyitoza mu burakari n’ishavu? (2 Timoteyo 3:16) Kubera ko abana ari “[i]ngabire Uhoraho agaba,” aritaho cane ukuntu bafatwa.—Zaburi 127:3.
4. (a) Ni ibiki bishobora kuhaba niba umugabo aryagumba umugore wiwe? (b) Abagore bashobora gute gukomeza amahoro bagirana n’Imana hamwe n’ubuhirwe mu rugo rwose uko rungana?
4 Uwo twubakanye we bite? “Abagabo . . . bakwiye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bgite. Ūkunda umugore wiwe, aba yīkunda: kukw ata muntu yigeze kwanka umubiri wiwe, arikw arawugaburira, akawubungabunga, nk’uko Kristo na we agirira [ikorane].” (Abanyefeso 5:28, 29) Umugabo w’umusinzi, atwaza igitugu, canke atagira ibitegereka, ntaba ahanamiye itekane ry’urugo rwiwe gusa, ariko aba ariko yonona imigenderanire yiwe n’Imana. (1 Petero 3:7) Abagore babiriwe bobo bite? Na bo nyene bakwiye ‘kuba bagamburukira abagabo babo, nk’uko bagamburukira Umwami.’ (Abanyefeso 5:22) Kwiyumvira mu vy’uguhimbara Imana bishobora gufasha umugore akirengagiza udukosa tw’umugabo wiwe kandi akamugamburukira ata kababaro. Rimwe na rimwe umugore ashobora kwumva ko ategerejwe guserura iryo agona. Imigani 31:26 havuga ivy’umugore abushitse, hati “Iy’ateranuye akanwa avuga ivy’ubgenge, icagezwe c’ineza kiri ku rurimi rwiwe.” Mu gihe afata umugabo wiwe mu buryo buranga ubuntu, icubahiro, aba azigamye amahoro agiranira n’Imana, kandi arakomeza ubuhirwe bw’urugo rwose uko rungana.—Imigani 14:1.
5. Ni kuki abakiri bato bakwiye gukurikira impanuro Bibiliya itanga ku biraba uko bakwiye gufata abavyeyi babo?
5 Yemwe bakiri bato, mufata gute abavyeyi banyu? Mwoba mukoresha imvugo y’akagaye, ibuze urupfasoni usanga kenshi yemerwa n’iyi si? Canke mwoba mugamburuka iri bwirizwa rya Bibiliya ngo “Bana, mwumvire abavyeyi banyu mu Mwami wacu: kukw ivyo ari vyo bigororotse. Wubahe so na nyoko: ico ni co cagezwe ca mbere kirimw’isezerano, kugira ng’uronke amahoro, urambire kw isi”?—Abanyefeso 6:1-3.
6. Ni gute dushobora kurondera kugiranira amahoro n’abo dusangiye gusenga?
6 Tuba kandi twerekanye “ukudora kw’umuzirikanyi” igihe ‘turondera amahoro kandi tukayakurikira,’ ayo tugiranira n’abo dusangiye gusenga. (1 Petero 3:11) Ukutumvikana hamwe n’ukudahuza biravyuka rimwe na rimwe. (Yakobo 3:2) Mu gihe inyankane ziretswe zikabira, amahoro y’ikorane ryose uko ringana ashobora kuja mw irinde. (Ab’i Galatiya 5:15) Nuko rero nimutunganye amatati ningoga; nimurondere umuti w’ingorane uzana amahoro.—Matayo 5:23-25; Abanyefeso 4:26; Ab’i Kolosayi 3:13, 14.
“Ukudora kw’Umuzirikanyi” n’Ivy’Amabanga yo mu Rugo
7. (a) Ni gute Paulo yaremesheje ivyo kwerekana “ukudora kw’umuzirikanyi” mu bintu vyo mw isi? (b) Ni agatima ki Abakirisu b’abagabo n’abagore bubatse bakwiye kugira ku vyerekeye amabanga bashinzwe mu rugo?
7 Intumwa Paulo yaragiriye Abakirisu inama yo ‘kubaho badora mu muzirikanyi.’ (Tito 2:12, NW) Biri n’ico bivuze kubona mu makikuro Paulo aremesha abakenyezi “gukunda abagabo babo n’abana babo, no [kuba abadora mu muzirikanyi, NW], no kwirinda ubgēruzi, no kwubaka ingo zabo.” (Tito 2:4, 5) Paulo ivyo yavyanditse mu myaka ya 61-64 G.C., hasigaye imyaka mikeyi ngo umuhero w’urunkwekwe rw’ibintu rw’Abayuda ushike. Yamara, ibintu vyo mw isi, nk’ibikorwa vyo mu nzu, vyari bigifise akamaro. Abagabo n’abagore bakwiye rero kugumana imbono nziza, idahebuza, y’ivy’amabanga bashinzwe mu rugo, ata kwihebura, kugira ngo “ijambo ry’Imana ntiritukwe.” Hari serugo umwe yasavye imbabazi umushitsi kubera ukuntu i muhira iwe hasa kwari guteye isoni. Yasiguye yuko yari isambaguritse “kubera ko yakora ubutsimvyi.” Igihe tugira utwigoro ku neza y’Ubwami birakwiye kuvugwa neza, ariko harakenewe ukuraba neza kugira ntiturohe ukumererwa neza kw’ingo zacu.
8. Ni gute ba senaka bashobora kwitwararika ku burimbane ivyo ingo zabo zikeneye?
8 Bibiliya irahimiriza ba serugo ngo bashire ingo zabo imbere y’ibindi, ikavuga yuko uwunaniwe kuronsa abo mu rugo rwiwe ivyo bakeneye aba ‘yihakanye ukwizera, kandi ko aba abaye hanyuma y’uwutizera.’ (1 Timoteyo 5:8) Ingero zigenga ivy’ukubaho si zimwe mw isi yose uko ingana, kandi ni vyiza kuguma umuntu yiteze ibintu bibayabaye mu vy’umubiri. “Ntumpe ubgoro, ntumpe n’ubutunzi,” ni ko umwanditsi w’Imigani 30:8 yazamvye. Ariko rero, abavyeyi ntibakwiye kwiyobagiza ivyo abana babo bakeneye mu vy’umubiri. Vyoba none biranga ubukerebutsi, nk’akarorero, umuntu asize urugo n’ibigirankana ata bikenerwa ngenderwako vy’ubuzima arusigiye, kugira ngo akurikirane uduteka tw’ivya gitewokarasi? Ivyo none ntivyotera umwikomo abana biwe? Ku rundi ruhande, Imigani 24:27 havuga hati: “Tunganya ibikorwa vyawe vyo hanze, uvyiroranirize mu ndimiro, hanyuma uz’ubone kwubaka [urugo].” Ni vyo, naho ukwitwararika ivy’umubiri gufise ikibanza cakwo, ‘umuntu kwubaka urugo rwiwe’—mu vy’impwemu no mu vy’akanyengetera—ni ivya nkenerwa rwose.
9. Ni kuki biranga ubukerebutsi ko ba senaka barimbura ivy’urupfu rwabo canke ukurwara kwabo?
9 Woba warategekanirije urugo ibintu vyorutunga mu gihe woshikirwa n’urupfu igihe kitarashika? Mu Migani 13:22 havuga hati: “Umunyangeso nziza araga n’abuzukuru.” Turetse iragi ry’ubumenyi bwerekeye Yehova hamwe n’imigenderanire umuntu agiriranira na we, abavyeyi bokwitwararika ivy’ugutegekaniriza abana babo mu vy’umubiri. Mu bihugu vyinshi ba senaka batari sindabibazwa baragerageza kuziganya, bakamenyesha ukuntu ivyabo bizotoranwa, bakanagirisha soransi. Kanatsinda, abantu b’Imana ntibakingiwe “ibihe n’ibiza ku muntu.” (Umusiguzi 9:11) Amahera ni “ubgugamo,” kandi ugutegekanya ibintu kuri hange kenshi bishobora gukinga amagume. (Umusiguzi 7:12) Mu bihugu usanga ukuvūgwa kutarihwa na Reta, hari abocagura gushira ku ruhande amahera y’ivyokenerwa mu vy’amagara canke bakagirisha soransi yinaka y’ivy’amagara.a
10. Ni gute Abakirisu b’abavyeyi boshobora ‘kubikira’ abana babo?
10 Ivyanditswe biravuga kandi, biti “Abana [ntiba]kwiye kuziganiriza abavyeyi, arikw abavyeyi ni bo bakwiye kuziganiriza abana.” (2 Ab’i Korinto 12:14) Mw isi haragwiriye ivy’uko abavyeyi babikira abana babo amahera y’ukwiga n’ukwubaka kwabo kwo muri kazoza, kugira babashirireho intango nziza mu buzima. Woba wariyumviriye ivyerekeye ukubikira umwana wawe kazoza k’ivy’impwemu? Fata nk’akarorero yuko hari umwana akuze ariko akurikirana ca gikenurwa c’igihe cose. Naho abasuku b’igihe cose badakwiye kwaka canke kuzera ahandi imfashanyo y’ivy’amahera, hari aho abavyeyi banyarukundo bocagura ‘gusangira na we baravye ukuntu akenye’ kugira ngo bamufashe agume mu gikorwa c’igihe cose.—Abaroma 12:13; 1 Samweli 2:18, 19; Ab’i Filipi 4:14-18.
11. Ukubona ibintu kutarimwo ukwibesha ku biraba amahera vyoba vyerekana ko umuntu atagira ukwizera? Sigura.
11 Ukubona ibintu kutarimwo ukwibesha ku vyerekeye amahera ntivyerekana ko umuntu abuze ukwizera ko urunkwekwe rubi rwa Shetani rwegereje iherezo ryarwo. Ahubwo gusa kuba ari ukugira ‘ubukerebutsi nyakimazi’ hamwe n’ukubona ibintu kwiza. (Imigani 2:7; 3:21) Yezu igihe kimwe yavuze yuko “abana b’iki gihe bagira ubgenge . . . kurusha abana b’umuco” mu kuntu bakoresha amahera. (Luka 16:8) Ntibitangaje rero kubona bamwebamwe basanze bikenewe kugira ivyo babogora mu kuntu bakoresha amatungo yabo, kugira ngo ivyo ingo zabo zikeneye bashobore kubitunganya neza kuruta.
“Ukudora kw’Umuzirikanyi” mu Kuntu Tubona ivy’Ukwiga Amashure
12. Ni gute Yezu yigishije abigishwa biwe kumenyera ibintu bishasha?
12 ‘Ukw isi imeze kuriko kurahinduka,’ n’amahinduka yo mu vy’ubutunzi agera kure hamwe n’amajambere yo mu vy’ubuhinga bikaba biriko biba vyihuta. (1 Ab’i Korinto 7:31) Ariko rero, Yezu yigishije abigishwa biwe kumenyera. Yababwiye ibikurikira igihe yabarungika kw isekeza rya mbere ry’ubukwiririji: “Ntimutekere izahabu cank’ifeza cank’amahera mu mipfuko yanyu, cank’isaho y’impamba, kandi ntimujane amapfundo abiri, cank’inkweto cank’inkoni, kuk’umukozi akwiye impembo yiwe.” (Matayo 10:9, 10) Ikindi gihe mu nyuma ariko, Yezu yavuze, ati “Ūfise umupfuko w’amahera awujane, n’ūfise isaho ayijane.” (Luka 22:36) Ni igiki cari cahindutse? Imimerere y’ibintu. Imikikuro yo mu vy’idini yari irushirije kubamwo ubwansi, buno rero bategerezwa gutegekanya ivyo bitwaza.
13. Intego nyamukuru y’ukwiga amashure ikwiye kuba iyihe, kandi ni gute abavyeyi bashobora gufata mu mugongo abana babo muri ivyo?
13 Cokimwe no muri iki gihe, abavyeyi bashobora gukenera kurimbura uko ivy’ubutunzi bimeze muri iki gihe. Nk’akarorero, woba uraba neza ko abana bawe baronka inyigisho ikwiriye kw ishure? Intego nyamukuru y’ukwiga ikwiye kuba ari ukuronsa umwana ivyo akeneye kugirango abe umukenuzi kirumara wa Yehova. Nayo ukwiga guhambaye kuruta ni ukwiga kwo mu vy’impwemu. (Yesaya 54:13) Abavyeyi bararazwa ishinga kandi n’ubushobozi abana babo bogira bw’ukwitunga mu vy’amahera. Nuko rero nimuhe abana banyu ubuyobozi, mubafashe gucagura ivyo bakwiriye kwiga mw ishure, kandi murabire hamwe na bo yuko vyoba canke bitoba biranga ubukerebutsi gukurikirana amashure y’inyongera. Ugufata ingingo mwen’izo biraba urugo, kandi abandi ntibakwiye kunegura ingendo yafashwe. (Imigani 22:6) Bite hoho ku bahisemwo kwigishiriza abana babo i muhira?b Naho abatari bake bakoze igikorwa gishobora kuvugwa neza, hari abasanze ico gikorwa kigoye kuruta uko bavyiyumvira, abana na bo barahabonera. Niba rero uriko urimbūra ivy’ukwigishiriza i muhira, raba neza ico bisaba, wiyemeze utibesha ko woba ufise ubuhinga hamwe n’urutonde rwawe bwite bikenewe kugira ushishikare.—Luka 14:28.
‘Ntukarondere Ibintu Bikomakomeye’
14, 15. (a) Baruki yajugumvye gute mu vy’impwemu? (b) Ni kuki vyari ivy’ubupfu kubona ‘arondera ibintu bikomakomeye’?
14 Kubera ko umuhero w’uru runkwekwe utaraza, hari abohengamira ku kurondera ivyo isi ifise itanga—ubuzi-mwuga buhesha icubahiro, ubuzi buzana amahera, n’ubutunzi. Rimbura ivy’umukarani wa Yeremiya, ari we Baruki. Yariyambaguye, ati “Mbonye ibara, kuk’Uhoraho yongereje intuntu ku mubabaro wanje! Kuniha kurandambiye, simbona akaruhuko.” (Yeremiya 45:3) Baruki yari yarushe. Kuba umukarani wa Yeremiya cari igikorwa kigoye, kidugarika umutima. (Yeremiya 36:14-26) Kandi nta kurangira kw’uwo mudugararo yari yiteze. Yobaye imyaka 18 imbere y’uko Yeruzalemu itikizwa.
15 Yehova yabwiye Baruki, ati ‘Raba, ico nubatse nzogisambura, kand’ico natēragiye nzokirandura: nzokora ntyo mu gihugu cose. Mbega nawe wironderera ibintu bikomakomeye? Ntubirondere.’ Baruki yari yajugumvye. Yari yatanguye ‘kwironderera ibintu bikomakomeye,’ kumbure ubutunzi, ubukuru, kibure ugutekanirwa mu vy’umubiri. Kubera ko Yehova yari agiye ‘kurandura n’ivyo mu gihugu cose,’ kurondera ibintu mwen’ivyo none vyari bimaze iki? Yehova rero yahaye Baruki iyi nyibutsa ikwega ivyiyumviro, ngo ‘Kuko raba, nzozana ivyago ku bafise umubiri bose, ariko weho nzoguha gukirira ah’uzoba ugiye hose.’ Amatungo y’umubiri ntiyorokotse ugutikizwa kwa Yeruzalemu! Yehova yemeye ‘gukiza umuntu’ gusa.—Yeremiya 45:4, 5.
16. Ni icigwa ikihe abantu ba Yehova muri iki gihe bokura ku vyashikiye Baruki?
16 Baruki yarumviye ukwo gukosorwa na Yehova, hanyuma nk’uko Yehova yari yarabisezeranye, Baruki yararusimvye ararokora igufa. (Yeremiya 43:6, 7) Mbega ukuntu ari icigwa gikomeye ku bantu ba Yehova muri iki gihe! Iki si igihe c’uko ‘twironderera ibintu bikomakomeye.’ Kuki? Kuko “isi irikw irashirana n’ivyipfuzo vyayo.”—1 Yohana 2:17.
Kurushirizaho Gukoresha Neza Igihe Gisigaye
17, 18. (a) Yona yagize iki igihe Abanyaninewe bigaya? (b) Ni icigwa ikihe Yehova yahaye Yona?
17 Ni gute none dushobora kurushirizaho gukoresha neza igihe gisigaye? Niwigire ku vyabaye ku muhanuzi Yona. “[Yagiye] i Ninewe . . . arasemerera, ati Hasigaye imisi mirongwine, Ninewe hagakomvomvorwa.” Yamara icatangaje Yona, Abanyaninewe barakiriye ubutumwa bwiwe hanyuma barigaya! Yehova yararetse gusangangura ico gisagara. Yona yavyakiriye ate? “Uhoraho, ndakwinginze, pfuma unyica, kuko gupfa kundutiye kubaho.”—Yona 3:3, 4; 4:3.
18 Maze Yehova aha Yona icigwa gikomeye. “Ameza ikibonobono, gitagarara hejuru y’aho Yona ari, kugira ngo kimubere igitūtu ku mutwe, . . . Maze Yona agira umunezero mwinshi kubg’ico kibonobono.” Ukunezerwa kwa Yona ariko kwamaze igihe gito, kuko ico giterwa kitatevye gukabirana. Yona ‘aratswa’ n’uko atamerewe neza. Yehova atsindagiriza ico We yashatse kuvuga, ati “K’ugiriye ikibabarwe ico kibonobono, . . . none jewe sinari nkwiye kugirira ikibabarwe Ninewe, ico gisagara kinini, kirimw’abantu ibihumbi ijana na mirongw ibiri basāga, batazi gutandukanya ukuryo n’ukumoso, hakabamwo n’ibitunzwe vyinshi?”—Yona 4:6, 7, 9-11.
19. Ni ukwiyumvira nyabaki kurimwo ukwikwegerako twokwirinda?
19 Ese ukuntu ukwiyumvira kwa Yona kwarimwo ukwikwegerako! Yarashoboye kwumvira ikibabarwe ico giterwa, ariko nta mbabazi namba yumviye abantu b’i Ninewe—abantu mu vy’impwemu ‘batari bazi gutandukanya ukuryo n’ukumoso.’ Twoshobora na twebwe kwipfuza cane itikizwa ry’iyi si kandi nk’uko ibikwiriye! (2 Ab’i Tesalonike 1:8) Mu kurindira ariko, dufise ibanga ry’ugufasha ab’umutima uzira ubugunge ‘batazi gutandukanya ukuryo n’ukumoso’ tubivuze mu buryo bw’ivy’impwemu. (Matayo 9:36; Abaroma 10:13-15) Woba uzokoresha igihe kigufi gisigaye kugira ufashe abenshi bashoboka kugira baronke bwa bumenyi bw’igiciro bwerekeye Yehova? Mbega ni igikorwa ikihe cokwigera kizana umunezero nk’uwuva ku gufasha umuntu ngo aronke ubuzima?
Nubandanye Kubaho Uri n’“Ukudora kw’Umuzirikanyi”
20, 21. (a) Uburyo bumwebumwe dushobora kwerekana “ukudora kw’umuzirikanyi” mu misi iri imbere ni ubuhe? (b) Ni imigisha iyihe izova mu kubaho turi n’ “ukudora kw’umuzirikanyi”?
20 Uko urunkwekwe rwa Shetani rubandanya ruja ku gutikizwa, ingorane nshasha duhangana na zo zitegerezwa kuhaba. Irya Kabiri kuri Timoteyo 3:13 rimenyesha, riti “Abantu babi, bo n’abahūmbūzi, bazorushiriza kuba babi.” Ariko “ntimucobogore, ntimudendebukirwe mu mitima yanyu.” (Abaheburayo 12:3) Niwiyegeke kuri Yehova kugira uronke inguvu. (Ab’i Filipi 4:13) Niwige kuba uwugondeka, umenyere ibi bintu bitera vyunyuka, mu gishingo c’ugucumbika kuri kahise. (Umusiguzi 7:10) Nukoreshe ubukerebutsi nyakimazi, ugume ukurikiza ubuyobozi “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” atanga.—Matayo 24:45-47, NW.
21 Igihe gisigaye ukuntu kingana nta vyo tuzi. Yamara, turashobora kuvuga tudakekeranya yuko “umuhero wa vyose uri hafi.” Gushika aho uwo muhero uzozira, nitubeho turi n’ “ukudora kw’umuzirikanyi” mu vyo tugirirana, mu buryo twitwararika ingo zacu, no mu mabanga dushinzwe mu vyo mw isi. Tubigenjeje dutyo, twese dushobora kwishimira yuko amaherezo tuzosangwa “mu mahoro, [t]utagira ikirabagu, [t]utarik’umugayo”!—2 Petero 3:14.
[Utujambo tw’epfo]
a Muri Reta Zunze Ubumwe, nk’akarorero, benshi usanga bafise soransi y’ivy’amagara, naho usanga bitera bizimba. Ingo zimwezimwe z’Ivyabona zasanze abaganga bamwebamwe barushirije kwemera gukoresha imiti y’imisubirizi idakozwe mu maraso mu gihe ingo zifise soransi y’ivy’ubuvūzi. Abavūzi benshi baremera igiciro cashinzwe kirekuwe mu mipango y’ivya soransi igerutse canke soransi y’amagara yashinzwe na Reta.
b Ivy’uko umuntu yokurikira canke atokurikira ukwigishirizwa i muhira, ni ingingo umwe wese yifatira. Raba ikiganiro “Ukwigishirizwa i Muhira—Kwoba Ari Ukwawe?,” kiboneka mu kinyamakuru Réveillez-vous! co ku wa 8 Ndamukiza 1993.
Ibintu vy’Isubiramwo
◻ Ni gute dushobora kwerekana “ukudora kw’umuzirikanyi” mu migenderanire ubwacu dufitaniye?
◻ Ni gute dushobora gukorana uburimbane mu vy’ukwitwararika amabanga atwega mu rugo?
◻ Ni kuki abavyeyi bategerezwa kwitwararika ukwiga kw’abana babo kwo mw isi?
◻ Ni ibihe vyigwa dukura kuri Baruki na Yona?
[Ifoto ku rup. 9]
Iyo umugabo n’umugore bafatana nabi, baba bonona ubucuti bafitaniye na Yehova
[Ifoto ku rup. 11]
Abavyeyi bakwiye kwitwararika ukwiga kw’abana babo