Abakirisu n’Isi y’Abantu
“Mugendane ubgenge ku bo hanze.”—AB’I KOLOSAYI 4:5.
1. Ni igiki Yezu yavuze ku biraba abamukurikira be n’isi?
MW ISENGESHO yatuye Se wiwe wo mw ijuru, Yezu yavuze ivy’abamukurikira ati: “[Isi i]rabanka, kukw atar’ab’isi, nk’uko nanje ntar’uw’isi.” Maze yongeyeko ati: “Singusaba ng’ubakūre mw isi, ariko ng’ubarinde wa Mubi.” (Yohana 17:14, 15) Abakirisu ntibari gutanywa n’isi mu buryo bw’umubiri—nk’akarorero, mu kwikumirira mu mamonasiteriyo. Ahubwo, Kirisitu ‘yabatumye mw isi’ kugira babe ivyabona vyiwe “gushitsa ku mpera y’isi.” (Yohana 17:18; Ivyakozwe 1:8) Mugabo, yasavye Imana kubarinda kubera ko Shetani, “umutware w’iyi si,” yobavyuriye ukwankwa ku bw’izina rya Kirisitu.—Yohana 12:31; Matayo 24:9.
2. (a) Bibiliya ikoresha gute ijambo “isi”? (b) Ni agatima nyabaki kari ku burimbane Yehova yerekana ku biraba isi?
2 Muri Bibiliya ijambo “isi” (Ikigiriki, koʹsmos) kenshi ryerekana ikibano c’abantu kitagororotse, ‘kiri mu bubasha bwa wa mubi.’ (1 Yohana 5:19) Kubera ko Abakirisu bashira iyo ingingo mfatirwako za Yehova zishize, vyongeye bakitondera rya bwirizwa ry’ugukwiririza inkuru nziza y’Ubwami kw isi, rimwe na rimwe hagiye harabaho imigenderanire igoye hagati yabo n’isi. (2 Timoteyo 3:12; 1 Yohana 3:1, 13) Ariko rero, koʹsmos rirakoreshwa kandi mu Vyanditswe ryerekeza ku muryango w’abantu muri rusangi. Mu kuvuga ivyerekeye isi muri iyo nsobanuro, Yezu yagize ati: “Imana yarakunze isi gushika itange Umwana wayo w’ikinege, ngo umwemeye wese ntapfe, aronke riho ubuzima budahera. Erega, Imana ntiyatumye Umwana wayo gucira isi urubanza, yamara yamurungitse ngo akize isi.” (Yohani 3:16, 17, Ubwuzure Bushasha; 2 Ab’i Korinto 5:19; 1 Yohana 4:14) Nuko, naho yanka ibintu biranga urunkwekwe rubi rwa Shetani, Yehova yarerekanye urukundo afitiye abantu mu gutuma Umwana wiwe kw isi kugirango akize abo bose ‘boshikiriye ukwigaya.’ (2 Petero 3:9; Imigani 6:16-19) Agatima kari ku burimbane Yehova afise ku biraba isi gakwiye kuba kayobora abamusenga.
Akarorero ka Yezu
3, 4. (a) Yezu yafashe impagararo nki ku vy’ubutegetsi? (b) Yezu yabona ate isi y’abantu?
3 Gatoyi imbere y’urupfu rwiwe, Yezu yabwiye Ponsiyo Pilato ati: “Ubgami bganje s’ubgo mur’iyi si.” (Yohana 18:36) Dukurikije ayo majambo, Yezu mu ntango yari yiyamye ivyo Shetani yamwingingiye vy’ukumuha kuganza ubwami bw’isi, vyongeye yari yanse kwemerera Abayuda kumugira umwami. (Luka 4:5-8; Yohana 6:14, 15) Yamara, Yezu yarerekanye urukundo runini afitiye isi y’abantu. Akarorero k’ivyo karashikirijwe n’intumwa Matayo, iti: “Abonye [isinzi], rimutera akagongwe, kuko bāri [bamyowe], basābagiye nk’intama zitagira umwungere.” Bivuye ku rukundo, yarakwiririje ku bantu mu bisagara no mu tugari iwabo. Yarabigishije vyongeye arakiza ubumuga bwabo. (Matayo 9:36) Kandi yaravyuye umutima ku vy’umubiri vyari bikenewe n’abaza kumwigirako. Dusoma ngo: “Yesu ahamagara abigishwa biwe, at’[isinzi] rinteye akagongwe, kuk’uyu ar’umusi ugira gatatu turi kumwe, none ntibagira ico barya. Ariko singomba kubasezera bashonje, ntibagwīre isari mu nzira.” (Matayo 15:32) Mbega ubwitwararitsi burangwa urukundo!
4 Abayuda bari abanyamwikeko cane ku Basamariya, ariko Yezu yaravuganye burebure n’Umusamariyakazi kandi aramara imisi ibiri ashinga icabona kinogangije mu gisagara c’i Samariya. (Yohana 4:5-42) Naho Imana yamutumye ku “ntama zazimiye z’inzu ya Isirayeli,” Yezu rimwe na rimwe yaritaba uguserura ukwizera kugizwe n’abandi batari Abayuda. (Matayo 8:5-13; 15:21-28) Egome, Yezu yarerekanye yuko bishoboka ‘kutaba uw’isi’ kandi ubwo nyene arerekana urukundo afitiye isi y’abantu, urwo akunda abantu. Tweho none twoba twerekana imbabazi dufitiye abantu, aho tuba, aho dukora canke dusumira? Twoba twerekana ko turazwa ishinga n’ukumererwa neza kwabo—atari gusa mu vyo bakeneye mu vy’impwemu ariko no mu vyo bakeneye bindi niba vyumvikana ko dushoboye gufasha? Yezu yarafashije, kandi mu kugenza gutyo aba yuguruye inzira yo kwigisha abantu ivyerekeye Ubwami. Niko, ntidushobora gukora ibitangaro butangaro nk’uko Yezu yabikoze. Ariko ikintu kiranga ubuntu kenshi kirakora koko ibitangaro tubivuze bugereranye, mu gusenyura umwikeko.
Agatima ka Paulo ku Biraba Abantu “bo Hanze”
5, 6. Intumwa Paulo yabigenza gute ku Bayuda bari “abo hanze”?
5 Mu yatari make mu makete yiwe, intumwa Paulo arerekeza ku bantu bari “hanze” canke “abo hanze,” ni ukuvuga abatari Abakirisu, baba Abayuda canke Abapagani. (1 Ab’i Korinto 5:12; 1 Ab’i Tesalonike 4:12; 1 Timoteyo 3:7) Ku bantu nk’abo yabigenza gute? ‘Yabaye vyose ku bantu b’ubwoko bwose kugira ngo akirishe bamwebamwe uburyo bwose.’ (1 Ab’i Korinto 9:20-22) Igihe yaba ashitse mu gisagara kimwe, uburyo yakoresha mu gukwiririza kwari ukubanza kuja ku Bayuda baba bahagerereye. Yabaturukira gute? Mu buryo bw’ubugenge n’icubahiro, yaratanga ibihinyuza vyo muri Bibiliya bishwirura vy’uko umwe Mesiya yari yaraje, agapfa urw’ukwitangako inkuka, hanyuma akazurwa.—Ivyakozwe 13:5, 14-16, 43; 17:1-3, 10.
6 Muri ubwo buryo, Paulo yarubakira ku bumenyi Abayuda bari bafise bw’Ivyagezwe n’abahanuzi, kugirango abigishe ivyerekeye Mesiya n’Ubwami bw’Imana. Kandi yarerewe mu gushwirura bamwebamwe. (Ivyakozwe 14:1; 17:4) Naho hari ukurwanywa n’indongozi z’Abayuda, Paulo yaragiriye Abayuda nka we inyiyumvo z’igishika igihe yandika ngo: “Bene Data, ivyohimbara umutima wanje n’ivyo nsengera [Abayuda] ku Mana, n’ukugira ngo bakizwe. Ndabashingira intahe yuko bafise ishaka ry’Imana, ariko si mu buryo bg’[ubumenyi nziragakosa].”—Abaroma 10:1, 2.
Gufasha Abemera Batari Abayuda
7. Ni gute abakebanuke benshi bitavye inkuru nziza Paulo yakwiririza?
7 Abakebanuke batari Abayuda, abari bacitse abakebwe bakwirikiza idini y’Abayuda. Uko biboneka, hǎriho Abayuda b’abakebanuke i Roma, muri Antiyokiya y’i Siriya, muri Etiyopiya, no muri Antiyokiya y’i Pisidiya—vy’ukuri, mu Migerēro yose y’Abayuda. (Ivyakozwe 2:8-10; 6:5; 8:27; 13:14, 43; gereranya na Matayo 23:15.) Abakebanuke ntibari nk’abategetsi benshi b’Abayuda, bo bisa n’uko batari abanyabwibone, kandi ntibashobora kwihayana ubwishime bw’uko bakomoka kuri Aburahamu. (Matayo 3:9; Yohana 8:33) Ahubwo, bari bahevye imana za gipagani hanyuma baricisha bugufi bahindukirira Yehova, bararonka ubumenyi bunaka bumwerekeye we n’amategeko yiwe. Kandi baragize icizigiro nk’ic’Abayuda, c’Umumesiya aza. Kubera ko benshi muri bo bari bamaze kwerekana umutima wo guhinduka barondera ukuri, bari bagabirije kugira ayandi mahinduka no kwitaba ubukwiririji bw’intumwa Paulo. (Ivyakozwe 13:42, 43) Igihe umukebanuke yahora asenga imana za gipagani ayobokeye Ubukirisu, yaba aronse mu buryo budasanzwe, ivyifashisho vyo gushinga icabona imbere y’Abapagani bari bagisenga izo mana.
8, 9. (a) Turetse abakebanuke, ni uwundi mugwi uwuhe w’Abapagani wakwegerewe kw Idini y’Abayuda? (b) Abatinya-Mana benshi batakebwe bitavye gute inkuru nziza?
8 Turetse abakebanuke bakebwe, abandi batari Abayuda barakwegerewe kw idini y’Abayuda. Uwa mbere yacitse Umukirisu muri abo yari Koruneliyo, wa ‘muntu yubaha Imana’ naho atari umukebanuke. (Ivyakozwe 10:2) Mu nsasanuro yiwe ku Vyakozwe n’intumwa, Porofeseri F. F. Bruce yanditse ibi: “Mwen’abo Bapagani bakunda kwitwa ‘Abatinya-Mana’; naho iryo atari ijambo ribihariwe, ni iribereye gukoreshwa. Abapagani benshi bo muri iyo misi, naho batari biteguye kuzocika abayoboke buzuye b’Idini y’Abayuda (igisabwa c’ugukebwa kikaba cari igitsitaza kidasanzwe ku bagabo), barakwegērewe n’ukwemera Imana imwe rudende kutavurunganye kwari mu nsengo yabera mw isinagogi y’Abayuda, hamwe n’ingero mfatirwako zigenga inyifato runtu y’uburyo bw’ukubaho bw’Abayuda. Bamwe muri bo bǎraza kw isinagogi, hanyuma barabareka, baraheza bamenya amasengesho n’ivyigwa mvavyanditswe, ivyo bumva bisomwa mu mpibanuro y’Ikigiriki.”
9 Intumwa Paulo yarahwanye n’abatinya-Mana benshi igihe yakwiririza mu masinagogi yo muri Aziya Ntoya no mu Bugiriki. Muri Antiyoki y’i Pisidiya, yahamagaye abatororokaniye mw isinagogi ngo “bagabo b’Abisirayeli, namwe abubaha Imana.” (Ivyakozwe 13:16, 26) Luka yandika yuko inyuma y’aho Paulo amariye Amasabato atatu akwiririza mw isinagogi y’i Tesalonike, “bamwe muri [nya Bayuda] [vya]rabeme[je] [baba Abakirisu], bīfatanya na Paulo na Sila, n’ishengero ryinshi ryo mu Bagiriki bubaha Imana n’uko, no mu bagore b’icubahiro batari bake.” (Ivyakozwe 17:4) Bisa n’uko bamwe mu Bagiriki bari abatinya-Mana batakebwe. Hariho ibimenyamenya vy’uko abo Bapagani bifatanije n’imiryango y’Abayuda.
Gukwiririza mu ‘Batizeye’
10. Ni gute Paulo yakwiririje ku Bapagani batari bazi namba Ivyanditswe, hanyuma bivamwo iki?
10 Mu Vyanditswe vy’Ikigiriki vya Gikirisu, ijambo “abatizeye” rishobora kwerekeza ku bantu bafatiwe hamwe bo hanze y’ikorane rya gikirisu. Kenshi ryerekeza ku bapagani. (Abaroma 15:31; 1 Ab’i Korinto 14:22, 23; 2 Ab’i Korinto 4:4; 6:14) I Atenayi abatizera benshi bari bigishijwe filozofiya y’Abagiriki, ntaco bari bazi namba mu Vyanditswe. Ivyo vyoba vyaravunye intege Paulo aca areka gushinga intahe imbere yabo? Oya. Ico yagize ariko, yarahinduye uburyo bwiwe bwo kubaturukira. Yarakoresheje ubuhanga, arashikiriza ivyiyumviro vyo muri Bibiliya ata gushoka adonda ibivuye mu Vyanditswe vy’Igiheburayo, ibitari bizwi n’Abanyatenayi. Yaraberetse ku buhinga isano hagati y’ukuri kwa Bibiliya n’ivyiyumviro bimwebimwe vyaserurwa n’abapowete b’Abasitoyiko ba kera. Kandi yarashikirije igitegēro cerekeye Imana imwe y’ukuri y’abantu bose, Imana izoca urubanza mu bugororotsi ikoresheje umuntu yapfuye akazurwa. Gutyo, Paulo yarakoresheje ubugenge arakwiririza ivyerekeye Kirisitu ku Banyatenayi. Vyavuyemwo iki? Naho abenshi bamutwengeye mw ijigo imbonankubone canke bakagonanwa, “abagabo bamwe [barifatanije] na we barizera; muri bo umwe ni Diyonisiyo wo mu Bareyopago, kandi n’umugore yitwa Damari, n’abandi hamwe na bo.”—Ivyakozwe 17:18, 21-34.
11. Korinto cari igisagara bwoko ki, kandi umurimo w’ubukwiririji Paulo yahakoreye wavuyemwo iki?
11 I Korinto hariho umuryango utari muto w’Abayuda, ni co gituma Paulo yatanguriye ngaho mu gukwiririza mw isinagogi. Ariko igihe Abayuda bahava bakaba abamurwanya, Paulo yagiye ku banyagihugu b’Abapagani. (Ivyakozwe 18:1-6) Na bo bari abantu nyabaki! Korinto cari igisagara gikorerwamwo twinshi, gituwemwo n’abo mu mihingo yose, c’ubucuruzi, kizwi mw isi yose y’Ubugiriki-Buroma ku bw’ubuzima bwaho burangwa n’isoni nke. Vy’ukuri, “Gukorinta” vyasobanura gukora rushegabo. Yamara, inyuma y’aho Abayuda biyamiye ubukwiririji bwa Paulo ni ho Kirisitu yamubonekera akavuga, ati “Ntutinye, arik’uvuge, . . . kuko mfise abantu benshi mur’iki gisagara.” (Ivyakozwe 18:9, 10) Nkakwo koko, Paulo yarashinze ikorane i Korinto naho nyene bamwe mu bari barigize bari bahoranye uburyo bw’ukubaho “bunyakorinto.”—1 Ab’i Korinto 6:9-11.
Kugerageza Gukiza ‘Abantu b’Uburyo Bwose’ Muri Iki Gihe
12, 13. (a) Akarere dukoreramwo uno musi gasa gute n’ako mu misi ya Paulo? (b) Ni agatima nyabaki twerekana mu turere amadini ya Kirisitendomu amazemwo igihe kirekire ashinzwe canke aho usanga benshi bahendwa n’idini yungunganije?
12 Muri iki gihe, nk’uko vyari mu kinjana ca mbere, ‘ubuntu tudakwiriye bw’Imana buzana agakiza ku bantu b’uburyo bwose.’ (Tito 2:11) Akarere k’ugukwiririzamwo inkuru nziza karagutse kagera ku makontinenti yose na menshi mu mazinga y’ikiyaga. Kandi, nk’uko vyari mu misi ya Paulo, turahûra vy’ukuri n’ ‘abantu b’uburyo bwose.’ Nk’akarorero, bamwe muri twebwe bakwiririza mu bihugu amakeleziya ya Kirisitendomu amaze ibinjana ashinzwe. Nka kumwe kw’Abayuda bo mu kinjana ca mbere, abari muri yo bashobora kuba baraboherewe bikomeye n’impererekano z’ivy’idini. Mugabo, turahimbarwa no kurondera abafise imimerere myiza y’umutima kandi tukubakira ku bumenyi bwa Bibiliya ubwo ari bwo bwose bafise. Ntitubaganirizanya agasuzuguro canke ngo tubakengere naho nyene indongozi za kidini zabo rimwe na rimwe ziturwanya vyongeye zikaduhama. Ahubwo, turemera icese yuko bamwe muri bo ‘bafitiye Imana ishaka’ naho babuze ubumenyi nziragakosa. Cokimwe na Yezu be na Paulo, turerekana urukundo nyakuri dufitiye abantu, kandi turafise icizigiro gikaze c’uko bokizwa.—Abaroma 10:2.
13 Mu gihe c’ugukwiririza, benshi muri twebwe barahura n’abantu bahenzwe n’idini yungunganije. Barashobora ariko kuba bakiri abatinya-Mana, bakemera Imana ku rugero runaka kandi bakagerageza kubaho ubuzima bwiza. Muri iri yaruka rihotoye kandi ryongerekanamwo ukutibanga Imana, ntidukwiye none kunezerezwa no guhwana n’abantu bafise ukwemera Imana kunaka? Kandi none, ntitwipfuza cane kubashīra ugusenga kutagirako ikimenyetso c’uburyarya n’ububeshi.—Ab’i Filipi 2:15.
14, 15. Ni gute umurima munini wabonetse ku bw’ugukwiririza inkuru nziza?
14 Muri ca kigereranirizo yatanga c’urusenga, Yezu yarabuye yuko hobayeho akarere kanini kaberamwo igikorwa c’ubukwiririji. (Matayo 13:47-49) Mu gusigura ico kigereranirizo, Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Ruheshi 1992 wavuze ku rupapuro rwa 20 uti: “Mu binjana n’ibindi abo muri Kirisitendomu bararanguye uruhara nyamukuru mu guhibanura, kwandikura no kugabanganya Ijambo ry’Imana. Amakeleziya mu nyuma yararemaremye canke arashigikira amashirahamwe y’ivya Bibiliya, ano arahindura Bibiliya mu ndimi zo mu bihugu vya kure. Vyongeye yararungitse abamisiyoneri b’abavūzi hamwe n’abigisha, bahingura Abakirisu b’inda. Ivyo vyarakoranije ibitigiri amabi vy’ifi ataco zimaze, zitari zemewe n’Imana. Ariko n’imiburiburi vyaratumye amamiliyoni y’abatari Abakirisu bashirwa imbere Bibiliya hamwe n’ubwoko runaka bw’Ubukirisu, naho bwari ubwononekaye.”
15 Ikebanura ryagizwe na Kirisitendomu ryarakoze canecane muri Amerika y’Ubumanuko, Afirika, no mu mazinga amwamwe y’ikiyaga. Muri ino misi, abifata ruto batari bake baratowe muri utwo turere, kandi turashobora kubandanya gukora iciza kinini niba dufise agatima k’ukutihebura karanga urukundo ku bantu mwen’abo bicisha bugufi, nk’uko nyene Paulo yari agafise ku bakebanuke b’Abayuda. Muri abo bakeneye ko tubafasha harimwo n’amamiliyoni y’abantu boshobora kwitwa “abafana” b’Ivyabona vya Yehova. Nantaryo barahimbarwa no kutubona iyo tubagendeye. Bamwe bariganye natwe Bibiliya kandi bakarorera amakoraniro yacu, canecane ca Cibutso c’Urupfu rwa Kirisitu tugira uko umwaka utashe. None abantu mwen’abo ntibagereranya umurima munini wo gukwiririzamwo inkuru nziza y’Ubwami?
16, 17. (a) Ni abantu bamezemeze gute duturukīra n’inkuru nziza? (b) Ni gute twigana Paulo mu gukwiririza ku bantu bameze kwinshi?
16 Ikindi kandi, bite kuri abo baza bavuye mu mico itari iya Kirisitendomu—twaba duhwanira na bo mu bihugu vyabo vy’amavukiro canke baba abambukiriye mu bihugu vyo mu Burengero? Kandi twovuga iki ku mamiliyoni menshi ubu bahaye idini umugongo buhere, bagacika inziramana canke abadashaka kumenya Imana? Vyongeye, bite ku bikundira bwa dini filozofiya ya kino gihe isohorwa mu bitabu injojo vy’ukwifashisha bisangwa mu maduka y’ibitabu? Hari none n’umwe wo mu bantu mwen’abo akwiye kwigizwayo, akabonwa nk’uwuri kure y’icungurwa? Oya, niba twigana ya ntumwa Paulo.
17 Igihe yariko akwiririza i Atenayi, Paulo ntiyaguye mu mutego w’uguharira ivya filozofiya n’abamwumviriza. Ico yagize mugabo, yarahuje ukwiyumvira kwiwe n’abantu vyariko bivugana, abashikiriza ukuri kwa Bibiliya mu buryo burongorotse, bunyura ubwenge. Na twebwe nyene, si ngombwa ngo ducike abahanga mu vy’ukumenya amadini canke filozofiya vy’abantu dukwiririzamwo. Ariko rero, uburyo tubaturukira turabuhuza n’uko ibintu biri kugira dutume ugushinga icabona kwacu kuba kirumara, gutyo tugacika ‘vyose ku bantu b’uburyo bwose.’ (1 Ab’i Korinto 9:22) Mu kwandikira Abakirisu b’i Kolosayi, Paulo yavuze ati: “Mugendane ubgenge ku bo hanze, mugura uburyo mubugwiza. Imvugo zanyu zamane ubuntu bg’Imana, zirunzwe umunyu, kugira ngo mumenye ingene mukwiye kwishura umuntu wese.”—Ab’i Kolosayi 4:5, 6, ni twe duhiritse izo ndome.
18. Ni ibanga nyabaki dufise, kandi ni igiki dukwiye kutigera twibagira?
18 Nka kumwe kwa Yezu n’intumwa Paulo, niturangire urukundo abantu b’uburyo bwose. Canecane, nitwite ku rutare kugira dusangire n’abandi inkuru nziza y’Ubwami. Ku rundi ruhande, ntitwigere twibagira yuko Yezu yavuze ku bigishwa biwe, ati “S’ab’isi.” (Yohana 17:16) Ico ivyo bisobanura kuri twebwe kiraja kurimbūrwa mu kiganiro gikurikira.
Mu Buryo bw’Isubiramwo
◻ Dondora agatima kari ku burimbane Yezu yari afise ku biraba isi.
◻ Paulo yakwiririje gute ku Bayuda n’abakebanuke?
◻ Paulo yaturukīriye gute abatinya-Mana n’abatizera?
◻ Dushobora gute kuba ‘vyose ku bantu b’uburyo bwose’ mu murimo wacu w’ugukwiririza?
[Amafoto ku rup. 23]
Mu gukorera ibikorwa vy’ubuntu bagenzi babo, Abakirisu barashobora kenshi gusenyura umwikeko