Ukwizera Gutuma Dukora!
“Ntubona yuk’ukwizera [kwa Aburahamu] kwafatanije n’ibikorwa vyiwe, kandi k’ukwizera kwahīngūwe rwose n’ibikorwa?”—YAKOBO 2:22.
1, 2. Tuzokora dute mu gihe dufise ukwizera?
ABENSHI baravuga ko bizeye Imana. Yamara, ukwizera kuvugwa ko gufiswe kwonyene, kuba kubuzemwo ubuzima, nk’ikiziga. Umwigisha Yakobo yavuze, ati “Ukwizera kutari n’ibikorwa, kuri kwonyene, kuba gupfuye.” Yavuze kandi ko Aburahamu uwatinya Imana yari n’ukwizera “kwafatanije n’ibikorwa vyiwe.” (Yakobo 2:17, 22) Amajambo nk’ayo avuze iki kuri twebwe?
2 Mu gihe dufise ukwizera kw’ukuri, ntituzokwemera gusa ivyo twumva ku makoraniro ya gikirisu. Tuzotanga ikimenyamenya c’ukwizera kubera ko turi Ivyabona vya Yehova b’inshirukabute. Egome, ukwizera kuzodutera gukurikiza Ijambo ry’Imana mu buzima kandi kuzotuma dukora.
Kurobanura ku Cubahiro Ntibijana n’Ukwizera
3, 4. Ukwizera gukwiye gute kugira ico gukoze ku buryo dufata abandi?
3 Niba twizera Imana na Kirisitu vy’ukuri, ntituzorobanura ku cubahiro. (Yakobo 2:1-4) Bamwe mu bo Yakobo yandikiye ntibariko berekana ukutagira nkunzi gusabwa ku Bakirisu b’ukuri. (Abaroma 2:11) Ku bw’ico, Yakobo abaza ati: ‘None kwizera Umwami wacu Yesu Kristo w’ubgiza kubamwo kurobanura abantu ku cubahiro?’ Mu gihe uwutemera w’umutunzi afise impeta z’inzahabu n’ivyambarwa vyakaka aje kw ikoraniro, hakaza n’ “umworo yambaye impuzu mbi y’ubuhoma,” bompi bǎri bakwiye kwakirwa neza, ariko wasanga hitwararikwa canecane abakire. Bǎhabwa ivyicaro ‘ahantu heza,’ abatizeye b’aboro na bo bakabwirwa guhagarara canke kwicara hasi ku birenge vy’umuntu.
4 Yehova yaratanze inkuka y’incungu ya Yezu Kirisitu, ayitangira abatunzi n’aboro cokimwe. (2 Ab’i Korinto 5:14) Hamwe rero twogirira nkunzi abatunzi, twoba turiko tuva ku kwizera kwa Kirisitu, ‘uwacitse umworo kugirango tube abatunzi biciye mu bworo bwiwe.’ (2 Ab’i Korinto 8:9) Ntitukigere narimwe tubona abantu muri ubwo buryo—tukabatera iteka tubitumwe n’impamvu mbimbi. Imana ntigira nkunzi, ariko tugize nkunzi, twoba turiko ‘duca imanza mbi.’ (Yobu 34:19) Mu gihe dufise icipfuzo co guhimbara Imana, nta gukeka ntituzofatwa n’inyosha y’ukurobanura ku cubahiro canke ‘kwubahira abantu ukubakuramwo amaronko.’—Yuda 4, 16.
5. Ni bande Imana yacaguye ngo babe ‘abatunzi mu kwizera’ kandi abatunze mu vy’umubiri kenshi bakora gute?
5 Yakobo aragenekereza abatunzi b’ukuri abo ari bo kandi agahimiriza ko urukundo rwogirirwa bose ata kugira nkunzi. (Yakobo 2:5-9) ‘Imana yatoranije aboro ngo babe abatunzi mu kwizera na basamuragwa b’ubwami.’ Ivyo ni ukwo bimeze kubera ko aboro kenshi bakira inkuru nziza kuruta. (1 Ab’i Korinto 1:26-29) Uko bagize umugwi, abatunze mu vy’umubiri barakandamiza abandi ku bijanye n’amadeni, imishahara, n’imiburano. Bavuga nabi Kirisitu kandi bakaduhama kubera ko dutwaye izina ryiwe. Ariko reka umwiyemezo wacu ube kwubaha “icagezwe c’i bgami,” igisaba ugukunda uwundi—tugakunda kumwe abatunzi n’aboro. (Abalewi 19:18; Matayo 22:37-40) Kubera ko Imana isaba ivyo, ukurobanura ku cubahiro ni ‘ugukora icaha.’
“Mu Rubanza Ikigongwe Kiratsinda”
6. Ni gute twohava tuba abarengategeko mu gihe tudafashe abandi mu buryo buranga ikigongwe?
6 Tugize nkunzi bimwe vy’ukubura ikigongwe, tuba turi abarengategeko. (Yakobo 2:10-13) Dutsitaye muri ivyo, ducika abacumuzi ku mategeko yose y’Imana. Abisirayeli batakora ubusambanyi ariko bakaba bari ibisuma bacika abacumuzi ku Vyagezwe vya Musa. Uko turi Abakirisu, ducirwa urubanza n’ “ivyagezwe bizana umwidegemvyo”—Isirayeli yo mu vy’impwemu muri rya sezerano risha, bafise ivyagezwe vyaryo mu mitima yabo.—Yeremiya 31:31-33.
7. Ni kuki ababandanya kurobanura ku cubahiro badashobora kwitega ikintu ku Mana?
7 Tuvuze ngo dufise ukwizera ariko tugakomeza kurobanura ku cubahiro, tuba tugeramiwe. Abatagira urukundo kandi b’imburakigongwe bazocirwa urwabo ata kigongwe. (Matayo 7:1, 2) Yakobo avuga ati: “Mu rubanza ikigongwe kiratsinda.” Mu gihe twemeye ubuyobozi bw’impwemu yera ya Yehova mu kugira ikigongwe mu vyo tugira vyose, ntituzokatirwa rubi nitwacirwa urubanza. Ahubwo, tuzogirirwa ikigongwe kandi gutyo tube dutsinze urubanza rukabije canke urubanza rubi.
Ukwizera Kurimbuka Ibikorwa Vyiza
8. Ibintu vyifashe gute ku muntu avuga ko afise ukwizera kubuze ibikorwa?
8 Turetse ivy’uko ukwizera gutuma tuba abanyarukundo n’abanyakigongwe, kurimbuka ibindi bikorwa vyiza. (Yakobo 2:14-26) Nkako nyene, ukwizera twovuga ko dufise kutagira ibikorwa ntikuzodukiza. Niko, ntidushobora kwironsa impagararo y’ubugororotsi ku Mana mu gukora ibikorwa vy’Ivyagezwe. (Abaroma 4:2-5) Yakobo ariko aganira ivyerekeye ibikorwa bidatumwa n’icegeranyo c’Ivyagezwe, ariko n’ukwizera be n’urukundo. Mu gihe tuvyurirwa ingiro na kamere mwen’izo, ntituzopfa gusa kwipfuriza ivyiza uwusenga nkatwe. Tuzoha imfashanyo y’ivy’umubiri umuvukanyi canke umuvukanyikazi atambaye canke ashonje. Yakobo arabaza ati: ‘Mu gihe ubwiye umuvukanyi akenye, uti Genda amahoro, ususuruke, uhāge ariko ntumuronse ivy’akenye, ivyo bimaze iki?’ Nta nakimwe. (Yobu 31:16-22) “Ukwizera” mwen’ukwo ni ugupfuye!
9. Ni igiki cerekana ko dufise ukwizera?
9 Dushobora kuba twifatanya n’igisata c’Imana ku rugero runaka, ariko ibikorwa bikoranwa umutima wose ni vyo gusa bishobora gushigikira ivyo tuvuga vy’uko dufise ukwizera. Ni vyiza niba twariyamye inyigisho y’Ubutatu kandi tukemera yuko hari Imana y’ukuri imwe. Yamara, ukwemera gusa si kwo kwizera. ‘Abadayimoni baremera,’ kandi “ba[ra]hinda agashitsi” batinya kubera ko uguhonywa kubarindiriye. Niba vy’ukuri dufise ukwizera, kuzotuma twimbuka mwen’ibi bikorwa nk’ugukwiririza inkuru nziza no kuronsa bagenzi bacu bizeye ibifungurwa n’ivyambarwa bakenye. Yakobo arabaza ati: “Wa muntu w’imburakimazi [utuzuye ukumenya Imana kw’inziragakosa] we, mbeg’ugomba kumenya ingen’ukwizera kutagira ibikorwa ar’ukw’ubusa?” Nivyo, ukwizera gusaba igikorwa.
10. Ni kuki Aburahamu yitwa “sekuruza w’abizera bose”?
10 Ukwizera kwa wa muvyaramiryango Aburahamu yubaha Imana kwatumye akora. We “sekuruza w’abizera bose,” ‘yiswe umugororotsi bivuye ku bikorwa hamwe yar’atanze kw ikimazi umwana wiwe Isaka ku gicaniro.’ (Abaroma 4:11, 12; Itanguriro 22:1-14) Bite none iyo Aburahamu abura ukwizera yuko Imana yozuye Isaka kandi igasohoza rya sezerano ryayo ryerekeye urubuto biciye kuri we? Aburahamu rero ntiyari kwigera agerageza gutangako ishikanwa umuhungu wiwe. (Abaheburayo 11:19) Bivuye ku bikorwa vy’ubugamburutsi vya Aburahamu ‘ukwizera kwiwe kwagizwe uguhinguye’ canke ukunonosoye. Ku bw’ico, “icanditswe [Itanguriro 15:6] kirashika, kivuga ngo Aburahamu yizeye Imana, ibimuharūrako nk’ukugororoka.” Ibikorwa Aburahamu yakoze mu mu kugerageza gutangako ishikanwa Isaka vyaremeje iryo Imana yari yaravumereye imbere yaho ry’uko Aburahamu yari umugororotsi. Ku bikorwa vy’ukwizera, yarerekanye urukundo afitiye Imana kandi arahava yitwa “umukunzi w’Imana.”
11. Ni ikihe kimenyamenya c’ukwizera dufise mu vyerekeye Rahabu?
11 Aburahamu yarerekanye ko ‘umuntu yitwa umugororotsi bivuye ku bikorwa, si ku kwizera kwonyene.’ Ivyo ni na ko vyabaye kuri Rahabu, umumaraya w’i Yeriko. ‘Yiswe umugororotsi bivuye ku bikorwa, amaze guha za ntumwa [z’Abisirayeli] indāro, akazirangira iyindi nzira’ ku buryo zacorotse abansi bazo b’Abanyakanani. Imbere y’uko abonana n’abo batasi b’Abisirayeli, yaremeye Yehova ko ari we Mana y’ukuri, eka n’amajambo yavuze mu nyuma hamwe n’uko yahevye kuba indaya, vyaratanze ikimenyamenya c’ukwizera kwiwe. (Yosuwa 2:9-11; Abaheburayo 11:31) Inyuma y’ako karorero kagira kabiri k’ukwizera kwerekanywe n’ibikorwa, Yakobo avuga ati: “Nk’uk’umubiri utarimw’impwemu uba upfuye, ni k’ukwizera kutagira ibikorwa kumera, kuba gupfuye.” Iyo umuntu apfuye, nta nguvu nterambaga canke “impwemu” iba iri muri we, kandi nta na kimwe arangura. Ukwizera kuvugwa gusa ko gufiswe kubuzemwo ubuzima kandi kukaba ataco kumaze, nk’ikiziga. Mu gihe dufise ukwizera nyakuri ariko, kuzotuma dukora ivy’ukwibanga Imana.
Cunga Urwo Rurimi!
12. Ni igiki gikwiye kugirwa n’abakurambere mw ikorane?
12 Kuvuga no kwigisha birashobora kandi gutanga ikimenyamenya c’ukwizera, ariko harakenewe ukwicunga. (Yakobo 3:1-4) Bwa bigisha mw ikorane, abakurambere barafise ibanga riremereye kandi bakaba babazwa vyinshi ku Mana. Ni co gituma bakwiye kwicisha bugufi bagasuzuma ivyiyumviro bakorana hamwe n’ibisabwa bakwije. Turetse ubumenyi hamwe n’ubushobozi, abo bagabo bategerezwa kuba bafitiye Imana n’abizeye bagenzi babo urukundo rugera kure. (Abaroma 12:3, 16; 1 Ab’i Korinto 13:3, 4) Abakurambere bakwiye gushingira ku Vyanditswe impanuro batanga. Mu gihe umukurambere yohuba mu kwigisha kwiwe kandi ivyo bikaviramwo abandi ingorane, yocirwa rubi n’Imana biciye kuri Kirisitu. Abakurambere bakwiye rero kuba bicisha bugufi kandi bagashiruka ubute mu kwiga, bakumira kw Ijambo ry’Imana badahemuka.
13. Ni kuki dutsitara mu vyo tuvuga?
13 N’abigisha beza nyene—nkako, twese—“dutsitara muri vyinshi” kubera agasembwa dufise. Ugutsitara mu vyo umuntu avuga ni kamwe mu dukosa dukunda kuhaba kandi twoshobora kwonona ibintu. Yakobo avuga ati: “Umuntu wese adatsitara mu vy’avuga, aba ar’umuntu [atagira agasembwa], ashobora no kuganza umubiri wiwe wose.” Twebwe ntitumeze nka Yezu Kirisitu, ntituri abacunga ururimi mu buryo butunganye. Iyaba twari bo, twoshoboye gucunga ibindi bihimba vy’umubiri wacu. Ubiravye, ibijiginyikisho n’utwuma twavyo bituma ifarasi ija aho tuyerekeje, kandi n’ubwato bunini bujanwa n’imiyaga ikomeye burashobora kuyoborwa uko umusǎre yipfuza hakoreshejwe ingafe ntoyi.
14. Ni gute Yakobo yihweza ivy’ikenerwa ry’akigoro kugirango ducunge ururimi?
14 Twebwe twese turakwiye kwiyemerera tutabesha yuko akigoro nyako gakenewe kugira ducunge ururimi. (Yakobo 3:5-12) Ikijiginyikisho ni gitoyi ugereranijwe n’ifarasi; n’ingafe ni ko iri igereranijwe n’ubwato. Kandi igihe ururimi rugereranijwe n’umubiri w’umuntu, ni ruto ‘ariko rukirārira bikomeye.’ Kubera ko Ivyanditswe bitomora yuko ukwihaya gusesema Imana, niturondere gufashwa na yo kugira tukwirinde. (Zaburi 12:3, 4; 1 Ab’i Korinto 4:7) Kandi tube ducunga ururimi rwacu igihe batubabaje, tukibuka ko bisaba gusa agasase kugira harurumbikwe ishamba. Nk’uko Yakobo avyerekana, “ururimi n’umuriro” ufise ubushobozi bw’ukwonona ibintu cane. (Imigani 18:21) Emwe, ururimi rudategekwa ni “ikibi kingana n’isi”! Akageso kabi kose k’iyi si itubaha Imana usanga kajanye n’ururimi rudacunzwe. Ni rwo ruzana ibintu vyonona, nk’agacokoro n’inyigisho y’ikinyoma. (Abalewi 19:16; 2 Petero 2:1) Wewe wibaza iki? Ukwizera kwacu ntigukwiye none gutuma dukora tugatama kugira ducunge ururimi rwacu?
15. Ni ikibi ikihe coshobora gukorwa n’ururimi rudafashwe?
15 Ururimi rudafashwe ‘ruraduhumanya’ bimwe bishitse. Nk’akarorero, iyo dufatwa tubesha kenshikenshi, dushobora kumenyekana nk’ababeshi. Ni gute none ururimi rudategekwa ‘rudomeka ukubaho kwacu kwose’? Mu gutuma ubuzima bumera nk’umukwegano w’ingorane. Ikorane ryose uko ringana rishobora kuvurugwa n’ururimi rumwe rudacunzwe. Yakobo aracishamwo “Gehinomu,” umwonga wa Hinomu. Ahari harigeze gutangirwa ibimazi vy’abana, hacitse inyabarega yo kuyigirizamwo n’umuriro umwavu wo muri Yeruzalemu. (Yeremiya 7:31) Nuko Gehinomu ni ikigereranyo c’izimanganya. Mu nsobanuro imwe, ububasha bwa Gehinomu bw’uguhonya busa n’ubw’ururimi rudategekwa. Mu gihe tudacunze ururimi rwacu, twebwe ubwacu dushobora guturirwa n’urubeya twakije. (Matayo 5:22) Twoshobora no gukurwa mw ikorane kubera ugutuka umuntu.—1 Ab’i Korinto 5:11-13.
16. Turavye iyonona rishobora kugirwa n’ururimi rudategekwa, ni igiki dukwiye kugira?
16 Nk’uko ushobora kuba ubiziyi mu gusoma Ijambo ry’Imana, Yehova yavumereye yuko umuntu yoganjije ibiremwa vy’ibikoko. (Itanguriro 1:28) Kandi amoko yose y’ibiremwa aragundwa. Nk’akarorero, ibinyamwanira vyamenyerejwe vyarakoreshejwe mu guhiga. ‘Ivyikwega’ Yakobo avuga bishobora kuba birimwo inzoka zifatwa n’abakwegakwezi bazo. (Zaburi 58:4, 5) Umuntu arashobora no gufata ibimizi, ariko twebwe abantu banyavyaha ntidushobora kugunda ururimi mu buryo bushitse. Naho ari ukwo, dukwiye kwirinda kuvuga amajambo y’akababaza, acumita, canke y’ukuvuga nabi abandi. Ururimi rudategekwa rushobora kuba igikoresho nkwegabara cuzuye ishano ryica. (Abaroma 3:13) Ntitwigere rero twireka ngo dutsindwe n’imvugo z’abahuni zirimwo ubumara, zaba izivuzwe canke zanditse.—1 Timoteyo 1:18-20; 2 Petero 2:1-3.
17, 18. Ni ukudahura guki kudomwako urutoke muri Yakobo 3:9-12, kandi dukwiye kugira iki muri ivyo?
17 Ukwizera Imana hamwe n’icipfuzo co kuyihimbara birashobora kudukingira ubuhuni kandi bigashobora kutubuza gukoresha ururimi mu buryo butajanye. Mu kwerekeza ku vyo abandi bagira bitajanye, Yakobo avuga yuko ‘dukoresha ururimi mu guhezagira Data wa twese, Yehova, tukongera tukavuma abantu babayeho mw ishusho y’Imana.’ (Itanguriro 1:26) Yehova ni Data wa twese mu buryo bw’uko ‘aha bose ubuzima no guhumeka n’ibintu vyose.’ (Ivyakozwe 17:24, 25) Ni na we kandi Se w’Abakirisu basizwe mu buryo bw’impwemu. Twese turi ‘mw ishusho y’Imana’ ku vya kamere zo mu buzirikanyi no mu vy’ukwigenza runtu, dushizemwo urukundo, ubutungane, n’ubwenge bidutandukanya n’ibikoko. None, dukwiye gukora gute niba twizeye Yehova?
18 Hamwe twovuma abantu, ivyo vyosobanura ko twosabirira canke tubahamagarira akabi. Kubera ko tutari abahanuzi bahumekewe n’Imana bemerewe guhamagarira ikibi ku muntu, imvugo nk’iyo yoba ari ikimenyamenya c’urwanko rwotuma uguhezagira Imana kwacu kuba ukw’ubusa. Ntibibereye ko ‘umuhezagiro n’umuvumo’ biza bivuye mu kanwa kamwe. (Luka 6:27, 28; Abaroma 12:14, 17-21; Yuda 9) Ese ukuntu vyoba biranga icaha kuririmbira Imana amashemezo ku makoraniro maze mu nyuma tukavuga nabi bagenzi bacu bizeye! Amazi aryoshe n’ay’umururazi yompi ntashobora kududubiza mw isôko rimwe. Nk’uko “umusukoni [uto]shobora kwama elayo,” amazi y’icunyunyu ntashobora kuvamwo amazi aryoshe. Haba hari ikitagenda neza mu vy’impwemu igihe twebwe abovuze ivyiza dukobeje kwatura amajambo arura. Niba twaraguye muri iyo ngeso, nidusenge dusaba gufashwa na Yehova kugira dusigeho kuvuga muri ubwo buryo.—Zaburi 39:1.
Korana Ubwenge Buva Hejuru
19. Niba tuyoborwa n’ubwenge buva mw ijuru, ni gute twoshobora kugira ico dukoze ku bandi?
19 Twebwe twese turakeneye ubwenge kugira tuvuge kandi tugire ibintu bibereye abafise ukwizera. (Yakobo 3:13-18) Niba dufise ugutinya Imana kw’ukuyisonera, iraduha ubwenge buva mw ijuru, bwa bushobozi bwo gukoresha ubumenyi neza. (Imigani 9:10; Abaheburayo 5:14) Ijambo ryiwe riratwigisha ukuntu twokwerekana ‘ubwitonzi bufatanije n’ubwenge.’ Kandi kubera tuba turi n’ubwitonzi, turakomeza amahoro yo mw ikorane. (1 Ab’i Korinto 8:1, 2) Abirata ngo ni abigisha bahambaye ba bagenzi babo bizeye, baba bariko ‘babeshera ukuri kwa gikirisu,’ ari na vyo bishira ku kabarore ukwikwegerako kwabo. (Ab’i Galatiya 5:26) ‘Ubwenge’ bwabo ni “ubg’isi”—biranga abantu b’abanyavyaha bonkowe ku Mana. Ni ubwa ‘runyamaswa,’ bukaba ari ubwamuka ku mpengamiro z’umubiri. Emwe, mbere ni “ubg’abadayimoni,” kuko impwemu mbi zirata! (1 Timoteyo 3:6) Nidukorane ubwenge rero n’ukwicisha bugufi kugirango ntitugire ikintu na kimwe kizana akayaga koshobora gusagambamwo mwene ivyo ‘bintu bibi’ nk’ukuvuga abandi nabi n’ukurobanura ku cubahiro.
20. Wodondora gute ubwenge bwo mw ijuru?
20 “Ubgenge buva mw ijuru; irya mbere [ntibutyoye],” bugatuma tuba abatanduye mu ngeso runtu no mu vy’impwemu. (2 Ab’i Korinto 7:11) N’ “ubg’amahoro,” bugatuma dukurikirana amahoro. (Abaheburayo 12:14) Ubwenge buva mw ijuru butuma tuba ‘abagira ibitegereka,’ ata kuba abadadaza kandi bagoye. (Ab’i Filipi 4:5) Ubwenge buva hejuru ‘bugabirije kugamburuka,’ bugakomeza ukugamburukira inyigisho iva ku Mana hamwe n’ugukorana n’iyungungane rya Yehova. (Abaroma 6:17) Ubwenge buva hejuru kandi butuma tuba abanyakigongwe, abanyembabazi. (Yuda 22, 23) Kubera ko bwuzuye “imbuto nziza,” butuma haba ukurazwa ishinga n’abandi hamwe n’ibikorwa bihuye n’ukugira neza, ubugororotsi, n’ukuri. (Abanyefeso 5:9) Kandi bwa baremeshamahoro, turifitiye “imbuto zo kugororoka” zezeza ahari amahoro.
21. Dukurikije Yakobo 2:1–3:18, ukwizera Imana kwacu gukwiye gutuma dukora ibikorwa biki?
21 Birumvikana rero, ukwizera gutuma dukora. Gutuma tutagira nkunzi, tukaba abanyakigongwe, kandi tukaba inshirukabute mu bikorwa vyiza. Ukwizera kuradufasha gucunga ururimi no gukorana ubwenge bwo mw ijuru. Ariko ivyo si vyo gusa dushobora kwiga muri iri kete. Yakobo arafise iyindi mpanuro ishobora kudufasha kugira uko twigenza kube mu buryo bubereye abizera Yehova.
Wokwishura Ngw Iki?
◻ Ikibi kiri mu vy’ukurobanura ku cubahiro ni ikihe?
◻ Ni gute ukwizera n’ibikorwa biri n’ico bipfana?
◻ Ni kuki bihambaye cane ko ducunga ururimi?
◻ Ubwenge buva mw ijuru bumeze gute?