Dushime Imitororokano ya Gikirisu
“Twiyumviraneko, kugira ngo [twoherereze ku] gukundana [no ku b]ikorwa vyiza, twoye guheba gukoranira hamwe.”—ABAHEBURAYO 10:24, 25.
1, 2. (a) Ni kuki kwitaba umutororokano w’Abakirisu b’ukuri ari agateka? (b) Ni mu buryo ki Yezu aba ahari ku mitororokano y’abayoboke biwe?
ESE ukuntu ari agateka kwitaba umutororokano wa gikirisu, waba ugizwe n’abari munsi ya cumi canke ugizwe n’ibihumbi bitari bike vy’abasenga Yehova, kuko Yezu yavuze ati: “Aho babiri canke batatu bazoba bakoraniye mw izina ryanje, nanje nzoba ndi hagati muri bo”! (Matayo 18:20) Ego niko, igihe Yezu yatanga iryo sezerano, yariko avuga ivyerekeye imanza zikeneye gutunganywa neza n’abaja imbere abandi mw ishengero. (Matayo 18:15-19) Ariko none ku bwa ngingo ayo majambo Yezu yavuze yoshobora gukoreshwa ku mitororokano yose itangurwa kandi ikarangizwa n’isengesho riturwa mw izina ryiwe? Egome. Ibuka yuko igihe Yezu yashinga abayoboke biwe gukora igikorwa co kugira abantu abigishwa, yasezeranye ati: “Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi.”—Matayo 28:20.
2 Nta wogira amazinda yuko Umukama Yezu Kirisitu we Mutwe w’ishengero rya gikirisu yitwararika bimwe bikomeye imitororokano yose igirwa n’abayoboke bizerwa biwe. Vyongeye, turashobora kwemera ata gukeka yuko ari kumwe na bo biciye ku mpwemu yera y’Imana. (Ivyakozwe 2:33; Ivyahishuriwe 5:6) Yehova Imana na we nyene aritwararitse ugukoranira hamwe kwacu. Intumbero ya mbere y’amakoraniro mwen’ayo ni ukugirango ishemezo riduzwe ku Mana, ‘mu masinzi akoranye.’ (Zaburi 26:12) Ukwitaba kwacu amakoraniro y’ishengero ni ikimenyamenya c’urukundo tumufitiye.
3. Ni impamvu izihe zihambaye zituma dushima imitororokano ya gikirisu?
3 Hariho izindi mpamvu nziza zituma dushima imitororokano ya gikirisu. Imbere y’uko Yezu Kirisitu ava kw isi, yaragennye abigishwa biwe basizwe ngo bakore nk’ “umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” mu guha inzu y’abizera imfungurwa z’ivy’impwemu ku gihe. (Matayo 24:45, NW) Uburyo bumwe buhambaye ukugabura nk’ukwo gucamwo ni amakoraniro y’ishengero hamwe n’imitororokano mininiminini—amateraniro y’imizunguruko n’ay’intara. Umukama Yezu Kirisitu arayobora uwo mushumba w’umwizerwa kugirango amenyeshe ibintu ntangabuzima ku mitororokano mwen’iyo, bikamenyeshwa abashaka bose kurokoka umuhero w’uru runkwekwe rubi hanyuma bakironkera ubuzima mw isi nshasha igororotse y’Imana.
4. Ni ‘umugenzo’ uwuhe woba inkwegabara uvugwa muri Bibiliya, kandi ni igiki kizodufasha kuwirinda?
4 Ku bw’ico, nta Mukirisu n’umwe yokwiha ivyo gutsimbataza umugenzo wokora ibara uvugwa n’intumwa Paulo, uwanditse ati: “Twiyumviraneko, kugira ngo [twoherereze ku] gukundana [no ku b]ikorwa vyiza, twoye guheba gukoranira hamwe, nk’uko bamwe bagira, ariko duhanūrane, kand’uko mubonye wa musi wegereza, murushirize kugenza murtyo.” (Abaheburayo 10:24, 25) Ukuzirikana ku vyerekeye agateka hamwe n’ivyiza biva ku kwitaba imitororokano ya gikirisu bizodufasha kugirango dushigikire mwen’iyo mitororokano tudahemuka kandi tutiziganya.
Amakoraniro Yubaka
5. (a) Imvugo yacu ikwiye kugira ico ikoze ikihe ku makoraniro? (b) Ni kuki tudakwiye gutebagana gutumira abashimishijwe kwitaba amakoraniro?
5 Kubera ko Abakirisu basenga kugirango impwemu yera ikore ku makoraniro ya gikirisu, buri muntu yayitavye akwiye kugira uko ashoboye kwose kugirango akore ahuje n’impwemu, ‘ntababaze impwemu yera y’Imana.’ (Abanyefeso 4:30) Igihe intumwa Paulo yandika ayo majambo yahumetswe, yariko avuga ivyerekeye ikoreshwa ryiza ry’imvugo. Ivyo tuvuga bikwiye nantaryo kuba ivyo ‘kwubaka igihe bikenewe, kugirango biheshe abavyumvise ibintu vyiza.’ (Abanyefeso 4:29) Ivyo birahambaye canecane ku mitororokano ya gikirisu. Mw ikete Paulo yandikiye Abanyakorinto, yarashimitse ku vy’uko bikenewe ko amakoraniro aba ayubaka, yigisha, kandi aremesha. (1 Ab’i Korinto 14:5, 12, 19, 26, 31) Ababa bitavye mwen’ayo makoraniro bose barayungukirako, dushizemwo abayitavye ari bashasha, abashobora neza kuvuga bati “Imana iri muri mwebge vy’ukuri.” (1 Ab’i Korinto 14:25) Kubera iyo mpamvu, dukwiye kudateba gutumira abamaze igihe gito bashimishijwe ngo bakoranire hamwe natwe, kuko kugenza gutyo bizotebutsa iterambere ryabo mu vy’impwemu.
6. Ibintu bimwebimwe bifasha kugirango amakoraniro abe ayubaka ni ibihe?
6 Abo bose bahabwa gushikiriza insiguro, kuja mu biganiro vy’ukubaza ibibazo, canke kugira imyerekano kw ikoraniro rya gikirisu bakwiye kuraba neza ko imvugo yabo yubaka kandi ihuye n’Ijambo ry’Imana ryanditswe, ari ryo Bibiliya. Turetse ugukoresha imvugo nyakuri, dukwiye guserura inyiyumvo n’akanyengetera bihuye na kamere ndangarukundo zifiswe n’Imana na Kirisitu. Mu gihe abashikiriza ibihimba kuri porogarama y’ikoraniro bose bitaye ku vyo kugaragaza ‘ivyamurwa ku mpwemu y’Imana,’ nk’umunezero, ukwihangana, hamwe n’ukwizera, abaryitavye bose rero bazokwumva vy’ukuri ko bubatswe.—Ab’i Galatiya 5:22, 23.
7. Abitavye umutororokano bose bashobora gufasha gute kugirango ube uwubaka?
7 Naho bakeyi gusa ari bo bashobora guhabwa ibihimba bashikiriza kuri porogarama y’amakoraniro y’ishengero, bose barashobora kugira ico baterereye kugirango ube umutororokano wubaka. Kenshi usanga abawitavye baronka uturyo two kwishura ibibazo. Utwo tuba ari uturyo two kumenyesha icese ukwizera kwacu. (Abaroma 10:9) Utwo ntidukwiye na rimwe kwigera dukoreshwa nk’akaryo ko guteza imbere ivyiyumviro vyacu bwite, kwiratira ivyo twagezeko, canke kunegura uwo dusangiye ukwizera. Ivyo none ntivyobabaza impwemu y’Imana. Ivyo tutumvikanako n’abo dusangiye ukwizera bitorerwa umuti neza birushirije iyo twiherereye, tukabigirana agatima k’urukundo. Bibiliya ivuga iti: “Mugiriranire neza, mugiriranire imbabazi, muharirane, nk’ukw Imana na yo yabahaririye muri Kristo.” (Abanyefeso 4:32) Mbega akaryo keza igitangaza imitororokano ya gikirisu iduha ko gukurikiza iyo mpanuro nziza! Abenshi kugirango babishikeko, bashika ku makoraniro hakiri kare kandi bakahateba iyo arangiye. Ivyo kandi birafasha abashimishijwe bashasha, abo usanga bakeneye bimwe bidasanzwe kwumva bisanze. Gutyo Abakirisu bose biyeguye barafise uruhara borangura mu gutuma amakoraniro aba ayubaka, mu ‘kwiyumviranako no kwohererezanya ku rukundo no ku bikorwa vyiza.’
Niwitegure Neza
8. (a) Ni ukwibabaza ukuhe gukwiye kuvugwa neza kugirwa na bamwebamwe kugirango bitabe amakoraniro? (b) Ni akarorero akahe Yehova atanga nk’umwungere?
8 Naho ugereranije usanga vyorohera bamwebamwe kwitaba imitororokano ya gikirisu, ku bandi bisaba ukwama bîbabaza. Nk’akarorero, iyo nyina w’ibibondo w’Umukirisu ategerezwa gukora akazi mw isi kugirango aronse abo mu rugo rwiwe ivyo bakeneye, ubusanzwe agodoka yarushe. Hari aho rero yobwirizwa gutegura ibifungurwa kandi agafasha abana biwe kwitegurira kuja kw ikoraniro. Hari abandi Bakirisu wosanga bategerezwa kugira ingendo ndende kugirango bashike ku makoraniro, canke bakazitirwa n’ubumuga canke ubusaza. Tubivuge tubisubire, Yehova Imana aratahura uko ivy’umuntu wese yitaba ikoraniro vyifashe, nk’uko nyene umwungere munyarukundo atahura ivyo intama ziri mu mukuku wiwe zikeneye canecane, imwimwe ukwayo. Bibiliya ivuga iti: “[Yehova] azoragira umukuku wiwe nk’umwungere, azoterura imyagazi mu maboko, ayitware mu gikiriza, kand’izonsa azoziyobora buhoro-buhoro.”—Yesaya 40:11.
9, 10. Ni mu buryo ubuhe dushobora kwungukira ku makoraniro bimwe biherejeko?
9 Hari aho abategerezwa kwibabaza cane ngo bitabe amakoraniro badahorereza boronka umwanya muto wo gutegura amayagwa aja kwigwa. Ukwama umuntu ajana na rwa rutonde rw’ugusoma Bibiliya rw’umushamvu biratuma ugukurikira Ishure ry’Igikenurwa ca Gitewokarasi bimuzanira impera nyinshi kuruta. N’ukwitegurira ayandi makoraniro hakiri kare, nk’Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi hamwe n’Inyigisho y’Igitabu y’Ishengero, na kwo nyene kuratuma amakoraniro arushiriza kuba ngirakamaro. Iyo abari n’ibibatwara umwanya mu ngo basomye amayagwa yo kwiga hakiri kare bakanasoma n’ivyanditswe bikeyi vyovyo vya Bibiliya vyatanzwe, bazorushirizaho kuba abiteguriye kugira uruhara ruri n’ico ruvuze muri ivyo biyago bihambaye bishingiye kuri Bibiliya.
10 Abandi ivyabo bitabagora nk’ukwo, barashobora kumara umwanya urushirije mu gutegura amakoraniro. Nk’akarorero, barashoboa kugira ubushakashatsi ku vyanditswe vyerekanywe bitasubiwemwo mu majambo. Gutyo bose barashobora kwitegurira kwungukira ku makoraniro neza birushirije, kandi bakagira uruhara rwiza mu vyo kwubaka ishengero bakoresheje insiguro bashikiriza n’insobanuro batanga. Mu gihe abakurambere n’abasuku b’ubukenuzi bitegura neza, bazotanga akarorero keza mu gutanga inyishu ngufi kandi zirashe. Bivuye ku kwubaha ivyo Yehova yatunganije, abitavye amakoraniro bazokwirinda ingeso zose zisamaza mu gihe amakoraniro ariko arabandanya.—1 Petero 5:3.
11. Ni kubera iki ukwihata bikenewe kugirango umuntu yitegurire amakoraniro?
11 Imirimo hamwe n’ivyo kwimaza ubute ata co bimarira amagara yacu yo mu vy’impwemu vyoshobora kudutwara umwanya bimwe birenze urugero. Niba biri ukwo, turakeneye kwisuzuma hanyuma ‘tukareka kuba ibipfu’ ku vyerekeye uko dukoresha umwanya dufise. (Abanyefeso 5:17) Intumbero yacu ikwiye kuba ‘gucungura umwanya’ tuwukuye ku bintu bihambaye buhoro kugirango tubone kumara umwanya urushirije mu kwiyigisha Bibiliya no mu gutegura amakoraniro, hamwe nyene no mu murimo dukorera Ubwami. (Abanyefeso 5:16) Ikizwi co, ivyo ntivyama vyoroshe, kandi bisaba kwihata. Abakiri bato bitwararitse ivyo, baba bariko bashiraho ishingiro ryiza ry’ugutera imbere muri kazoza. Paulo yandikiye mugenzi we Timoteyo yari akiri muto, ati: “Ivyo [impanuro Paulo yahaye Timoteyo], ubishirek’umwete, uvyamemwo, kugira ngo kuja imbere kwawe kubonekere bose.”—1 Timoteyo 4:15.
Uturorero two mw Ijambo ry’Imana
12. Ni akarorero kibonekeje akahe katanzwe n’umuryango wa Samweli?
12 Rimbura akarorero keza katanzwe n’umuryango wa Samweli, uwutahorereza kugira uruhara mu ndinganizo zagizwe z’ivyo gutororokanira hamwe n’abo bari basangiye gusenga igihe itaberenakulo y’Imana yari iri i Shilo. Abagabo bonyene ni bo basabwa kwama buri mwaka bagenda ku mahimbaza y’imisi mikuru. Ariko Elukana se wa Samweli yajana umuryango wiwe wose, igihe yaba “ava mu gisagara c’i wabo uk’umwaka utashe, akadūga i Shilo gusenga no gushikanira Uhoraho Nyen’ingabo ibimazi.” (1 Samweli 1:3-5) Igisagara c’amavukiro ya Samweli, ari co Ramatayimusofimu, gishobora kuba cari giherereye hafi y’umubari w’ahitwa Rentis kino gihe mu mitumba y’epfo yo mu “mugamba w’Abefurayimu.” (1 Samweli 1:1) Gutyo urugendo rwo kuja i Shilo rwoba rwari nk’urw’ibirometero 30, rukaba rwari urugendo ruruhisha muri iyo misi. Ivyo ni vyo umuryango wa Elukana wagiranye ubudahemuka, “uk’umwaka utashe: uko [ba]dūga [b]aja mu ngoro y’Uhoraho.”—1 Samweli 1:7.
13. Ni akarorero nyabaki katanzwe n’Abayuda b’abizerwa mu gihe Yezu yari kw isi?
13 Yezu na we nyene yakuriye mu muryango munini. Uko umwaka utashe uwo muryango warafata urugendo rw’ibirometero nk’100 bava i Nazareti bagana mu bumanuko, bagiye kwitaba umusi mukuru wa Pasika i Yeruzalemu. Hariho inzira zibiri bashobora kuba baracamwo. Iyitazigura kuruta izindi yarimwo umumanuko uja mu Mubande w’i Megido, hagaca hakurikira umudugo w’imetero 600 uciye mu karere k’i Samariya, kubandanya n’i Yeruzalemu. Iyindi nzira yakundwa na benshi ni iyo Yezu yafashe ku rugendo rwa nyuma yagize aja i Yeruzalemu mu 33 G.C. Ivyo vyamusavye kugenda n’amaguru amanuka Umubande wa Yorodani aja epfo y’urugero rwo hasi rw’ikiyaga kugeza ashikiriye ‘imipaka y’i Yudaya . . . hakurya ya Yorodani.’ (Mariko 10:1) Kuva ngaho, ‘inzira yaduga ija i Yeruzalemu’ ni urugendo rw’ibirometero nka 30, rurimwo n’umudugo w’imetero zirenga 1 100. (Mariko 10:32) Amasinzi y’abaja guhimbaza imisi mikuru b’abizerwa, baragira urwo rugendo rutoroshe badahorereza, bava i Galilaya baja i Yeruzalemu. (Luka 2:44) Ese ukuntu ari akarorero keza kahawe abasuku ba Yehova bo mu bihugu biteye imbere vya kino gihe, abenshi muri bo bakaba bashobora kwitaba imitororokano ya gikirisu bisa n’ibitabagoye, bitewe n’uburyo bwa none bwo kwiyunguruza!
14, 15. (a) Ni akarorero akahe Ana yatanze? (b) Dushobora kwigira iki ku nyifato nziza yerekanwa na bamwebamwe mu bashasha bitaba amakoraniro?
14 Akandi karorero ni aka wa mupfakazi Ana w’imyaka 84. Bibiliya ivuga ko ‘atigera abura mu rusengero.’ (Luka 2:37) Vyongeye, Ana yarerekanye ko yitwararika abandi n’urukundo. Aho aboneye uruyoya Yezu kandi akumva ko yari we Mesiya yasezeranywe, yagize iki? Yarashimiye Imana hanyuma atangura “[ku]vuga ivya Yesu, abibgira abāri barorereye ugucungurwa kw’i Yerusalemu bose.” (Luka 2:38) Mbega inyifato nziza, indorerwako ku Bakirisu muri iki gihe!
15 Egome, nka kumwe kwa Ana, kwitaba amakoraniro yacu no kuyagiramwo uruhara bikwiye kuba akanyamuneza ku buryo tutokwigera tubura. Abashasha benshi ntibabura na bo nyene gushima. Kubera ko baba bavuye mu mwijima bakaza mu muco w’igitangaza w’Imana, baba bashaka kumenya ivyo bashoboye vyose, kandi benshi baragaragaza ubushwashwanutsi bwinshi bafitiye amakoraniro ya gikirisu. Ku rundi ruhande, abamaze igihe kirekire mu kuri bategerezwa kuba maso ngo ntibahave ‘bareka urukundo rwabo rwa mbere.’ (Ivyahishuriwe 2:4) Ingorane zikomakomeye z’ivy’amagara canke ibindi bintu umuntu adashoboye kubuza, vyoshobora rimwe na rimwe kubuza umuntu kwitaba amakoraniro. Ariko ntidukwiye kwigera tureka ngo ugukunda amaronko, ukwisamaza, canke ukubura ugushimishwa bitume tutitegura, tuba abarorerezi gusa, canke ngo tuje turasiba amakoraniro.—Luka 8:14.
Akarorero Keza Ntangere
16, 17. (a) Yezu yari afise inyifato iyihe ku vyerekeye imitororokano y’ivy’impwemu? (b) Ni umugenzo mwiza uwuhe Abakirisu bose bakwiye kugerageza gukurikira?
16 Yezu yaratanze akarorero kibonekeje mu vyo kwerekana ugushima imitororokano yo mu vy’impwemu. Akiri muto, ku myaka 12, yarerekanye urukundo yari afitiye inzu y’Imana i Yeruzalemu. Abavyeyi biwe baramubuze mugabo amaherezo bamusanga ariko araharira ivy’Ijambo ry’Imana n’abigisha mu rusengero. Mu kwishura umwitwarariko w’abavyeyi biwe, Yezu n’ukwubaha kwinshi yishuye ati: “Ntimwari muzi yuko bikwiye ko mba [mu nzu] kwa Data?” (Luka 2:49) Uwo mwana Yezu yaragamburutse arasubirana n’abavyeyi biwe i Nazareti. Ngaho yarabandanije kwerekana urukundo yari afitiye amakoraniro y’ivy’ugusenga mu kuyitaba adahorereza kw isinagogi. Gutyo rero, igihe yatangura igikenurwa ciwe, Bibiliya ibara iti: “Aja i Nazareti, iyo yakuriye; ku musi w’isabato yinjira mw isinagogi, nk’uko yamenyereye, ava hasi ngw asome.” Yezu amaze gusoma muri Yesaya 61:1, 2 akanahasigura, abamwumviriza “batangazwa n’amajambo y’igikundiro avuye mu kanwa kiwe.”—Luka 4:16, 22, ni twe duhiritse izo ndome.
17 Amakoraniro ya gikirisu muri iki gihe akurikira iyo ndorerwako nyene y’ishimikiro. Iyo ikoraniro rimaze kwugururwa n’ururirimbo rw’ishemezo hamwe n’isengesho, imirongo yo muri Bibiliya (canke imirongo isubiwemwo mu mayagwa agize iyo nyigisho ya Bibiliya) irasomwa kandi igasigurwa. Abakirisu b’ukuri babwirizwa kwigana ako kamenyero keza ka Yezu Kirisitu. Uko ivyabo bibibemereye kwose, bararonkera akanyamuneza mu kudahorereza kwitaba imitororokano ya gikirisu.
Uturorero two Muri Iki Gihe
18, 19. Ni uturorero twiza utoraba utuhe abavukanyi bo mu bihugu biteye imbere buhoro batanga ku vyerekeye amakoraniro, amateraniro y’imizunguruko n’ay’intara?
18 Mu mihingo y’isi iteye imbere buhoro, benshi mu bavukanyi n’abavukanyikazi bacu baratanga akarorero keza karanga ugushima imitororokano ya gikirisu. Muri Mozambike, Orlando, umucungezi w’intara hamwe n’umukenyezi wiwe Amélia vyabasavye amasaha 45 kugirango bagende ibirometero nka 90 ku musozi muremure kugirango bafashe iteraniro. Maze barinze kugira urwo rugendo nyene mu kugaruka baje gufasha iteraniro rikurikira. Orlando yaricishije bugufi amenyesha ati: “Twiyumvisemwo ko ataco twari twakoze igihe twahura n’abavukanyi bava mw Ishengero ry’i Bawa. Kugirango bitabe iryo teraniro bongere basubire i muhira iwabo, vyasavye kugira urugendo rw’imisi itandatu rw’ibirometero nk’400 ku maguru, kandi muri bo harimwo umuvukanyi w’imyaka 60 y’amavuka!”
19 Twovuga iki ku vy’ugukenguruka amakoraniro y’ishengero ya buri mushamvu? Kashwashwa Njamba ni umuvukanyikazi w’intege nke ageze mu myaka 70 y’amavuka. Aba i Kaisososi, ikigwati gitoyi kiri nko ku birometero bitanu uvuye ku Ngoro y’Ubwami y’i Rundu muri Namibiya. Kugirango yitabe amakoraniro, aragenda akagaruka n’amaguru urugendo rw’ibirometero nka cumi aciye mu gahinga. Hari abandi basahuriwe kuri iyo nzira, ariko Kashwashwa ntahengeshanya kuza. Menshi mu makoraniro ayoborwa mu ndimi atumva. Mbega none agira ico yungutse gute iyo yayitavye? Kashwashwa avuga ati: “Iyo nkurikira ivyanditswe, ndagerageza kwiyumvisha ico nya nsiguro ivuga.” Ariko ntazi gusoma no kwandika. None akurikira ivyanditswe gute? Yishura ati: “Ndatega ugutwi ivyanditswe nsanzwe narafashe ku mutwe.” None uko imyaka yagiye irahera, yararunze igitigiri kitari gito c’ivyanditswe mu bwonko. Kugirango aryohore ubushobozi bwiwe bw’ugukoresha Bibiliya, aritaba ivyigwa vy’ugusoma n’ukwandika vyaringanijwe n’ishengero. Avuga ati: “Ndakunda ukwitaba amakoraniro.” Ati “Hama hariho ibintu bishasha vyo kumenya. Ndakunda kuja hamwe n’abavukanyi be n’abavukanyikazi. Naho ntashoboye kubavugisha bose, bama nantaryo baza kundamutsa. Kandi igihambaye kururta, ndazi yuko nitavye amakoraniro, mba ndiko nezereza umutima wa Yehova.”
20. Ni kuki dutegerezwa kudaheba imitororokano yacu ya gikirisu?
20 Nk’uko Kashwashwa abigira, amamiliyoni y’abasenga Yehova mw isi yose barerekana ugushima imitororokano ya gikirisu gukwiriye kuvugwa neza. Kubera ko isi ya Shetani itera igana ku guhona kwayo, ntidushobora kwubahuka guheba ugutororokanira hamwe kwacu. Ahubwo nyabuna, nitugume turikanuye mu vy’impwemu kandi twerekane ugushima kwimbitse dufitiye amakoraniro, amateraniro y’imizunguruko n’ay’intara. Ico ivyo bizokora si ukunezereza umutima wa Yehova gusa, ahubwo kandi bizotwungura muri vyinshi uko dufungura ku nyigisho iva ku Mana ijana mu buzima budahera.—Imigani 27:11; Yesaya 48:17, 18; Mariko 13:35-37.
Ibibazo vy’Isubiramwo
◻ Ni kuki kwitaba imitororokano ya gikirisu ari agateka?
◻ Abitavye ikoraniro bose bashobora gufasha gute kugirango ribe iryubaka?
◻ Ni akarorero kibonekeje akahe Yezu yatanze?
◻ Twokwigira iki ku bavukanyi bo mu bihugu biteye imbere buhoro?
[Ifoto ku rup. 32]
Ivyabona nk’aba bo muri Rumaniya baratanga akarorero keza k’ugushima imitororokano ya gikirisu
[Uruzitiro ku rup. 31]
BARASHIMA AMAKORANIRO YA BURI MUSHAMVU
Hari amamiliyoni y’abantu baba mu bisagara vyaseserejwe n’ubukene hamwe n’ubukozi bw’ikibi. Naho hari ibintu nk’ivyo, Abakirisu b’ukuri usanga berekana ugushima imitororokano ya gikirisu gukwiriye kuvugwa neza. Hari umukurambere akorera muri rimwe mu mashengero yo muri Soweto i Gauteng muri Afirika y’Epfo avuga ati: “Mw ishengero rimwe ririmwo Ivyabona n’abamamaji batarabatizwa 60, turaronka abitaba amakoraniro yacu bari hagati ya 70 na 80, rimwe na rimwe bakanarenga. Naho abavukanyi n’abavukanyikazi batagira ingendo ndende kugirango bayitabe, ibintu muri iyi mihingo ya Soweto ntivyoroshe. Hari umuvukanyi umwe yacumiswe mu mugongo igihe yariko agenda kw ikoraniro. Abavukanyikazi batari munsi ya babiri barafashwe bagomba kubasahura. Ariko ivyo ntibibabuza kuza. Ku misi y’Iyinga, turagira umwimenyerezo mutoyi wo kwiga indirimbo iyo turangije ikoraniro n’isengesho. Abatari munsi ya 95 kw ijana bama bisigarira inyuma bakaririmba indirimbo zose zizoririmbwa mu makoraniro yo ku ndwi ikurikira. Ivyo birafasha abashimishijwe vuba kwiga indirimbo kandi bakaririmbana n’abandi.”
Ababa mu gihugu hagati barahura n’izindi ntambamyi, nk’ukugenda ingendo ndende kugirango bitabe amakoraniro gatatu mu mushamvu. Hari umunega n’umukenyezi wiwe bashimishijwe baba ku birometero 15 uvuye ku Ngoro y’Ubwami i Lobatse muri Botswana. Ku mwaka uheze, baritavye amakoraniro badahorereza bari kumwe n’utwana twabo tubiri. Umunega akora akazi k’ugushona ibirato kugirango atunge urugo. Umukenyezi adandaza utwashara dutoduto kugirango yongerereze ayinjira mu muryango, kugira bashobore kuriha ikibunguruza iyo bagiye n’iyo bavuye ku makoraniro.
Umusi umwe ku mugoroba mu ci riheruka, inyuma y’ikoraniro bagiranye n’umucungezi w’umuzunguruko, uwo muryango wari wasizwe ku gituro c’amabisi isaha 3 zo mw ijoro. Amabisi yari yahagaze kare kubera igihe cari kibi. Hari umupolisi umwe yahagaritse umuduga wiwe hanyuma abaza ico bariko barakora. Yumvise ukuntu bamerewe, yarabagiriye impuhwe hanyuma abajana i muhira, kuri rwa rugendo rw’ibirometero 15. Nya mukenyezi, uwuri umwamamaji atarabatizwa, yabwiye wa munega wiwe ati: “Ntubona! Iyo dushize amakoraniro mu kibanza ca mbere, Yehova nantaryo araturonsa ivyo dukeneye.” None ubu nya munega yaraseruye icipfuzo afise c’uko na wene yoba umukwiririji w’inkuru nziza.