Yehova Arashitsa Ivyo Yasezeraniye Abizerwa
“Uwasezeranye [ni] uwo kwizerwa.”—ABAHEBURAYO 10:23.
1, 2. Ni kuki dushobora kwizigira ivyo Yehova yasezeranye tugaherezako?
YEHOVA asaba abasavyi biwe gutsimbataza ukumwizera gukomeye, bakaguma bizeye n’ivyo yasezeranye. Umuntu afise ukwizera mwen’ukwo arashobora kwizigira agaherezako yuko Yehova azoshitsa ivyo yasezeranye. Ijambo ryiwe ryahumetswe rivuga riti: “[Yehova] Nyen’ingabo ararahiye, ati N’ukuri, uko niyumviriye ni ko bizoshika, kand’uko nagabiye ni ko bizoba.”—Yesaya 14:24.
2 Iyo mvugo ngo “[Yehova] Nyen’ingabo ararahiye,” yerekana ko atanze indahiro y’icese yo gushitsa ivyo yasezeranye. Ni co gituma Ijambo ryiwe rishobora kuvuga riti: “Wizigize [Yehova] umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bgw’iwawe: umumenye mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe.” (Imigani 3:5, 6) Mu gihe twizigiye Yehova kandi tukemera kuyoborwa n’ubwenge bwiwe, inzira zacu zizodushikana ata kabuza ku buzima budashira, kubera ko ubwenge bw’Imana ari ‘igiti c’ubuzima ku babucakira.’—Imigani 3:18; Yohana 17:3.
Ukwizera Nyakuri mu Bihe vya Kera
3. Nowa yerekanye gute ko yizeye Yehova?
3 Ivyo Yehova yagiriye abafise ukwizera nyakuri birashingira intahe ivy’uko ari we nyawisungwa. Nk’akarorero, haraciye imyaka 4 400 Imana ibwiye Nowa yuko isi yo mu gihe ciwe yategerezwa kurandurwa n’Umwuzure woshitse kw isi yose. Yategetse Nowa kwubaka ubwato amahanga kugira ngo harokorwe ubuzima bw’abantu n’ubw’ibikoko. None Nowa yagize iki? Abaheburayo 11:7 havuga hati: “Ukwizera ni kwo kwatumye Nowa yubaha, amaze kubūrirwa n’Imana ibitaribgaboneke, akabāza ubgato bgo kurokora abo mu nzu yiwe.” Ni kuki Nowa yizeye ikintu kitaribwigere gishika, “i[k]itaribgaboneke”? Kubera ko yari azi vyinshi bihagije vy’ivyo Imana yari yaragiraniye n’umuryango w’abantu, bituma atahura ko ikintu cose Imana ivuze gishika. Kubw’ivyo rero, Nowa yari yizigiye ko Umwuzure na wo nyene woje.—Itanguriro 6:9-22.
4, 5. Ni kuki Aburahamu yizigiye Yehova agaherezako?
4 Akandi karorero k’ukwizera nyakuri ni aka Aburahamu. Haraciye imyaka yababa 3 900 Imana imubwiye gutanga Isaka ngo abe ikimazi, umwana wiwe w’ikinege yari yavyaye ku mugore wiwe Sara. (Itanguriro 22:1-10) None Aburahamu yavyifashemwo gute? Abaheburayo 11:17 havuga hati: “Ukwizera ni kwo kwatumye Aburahamu atanga Isaka kw ikimazi, hamwe yagezwa.” Ariko rero, agira abigire umumarayika wa Yehova yaramubujije. (Itanguriro 22:11, 12) Mugabo, ni kuki Aburahamu yubahutse kwiyumvira gukora ikintu nk’ico? Nk’uko Abaheburayo 11:19 havuga, ni kubera ko “yishimiye yukw Imana ishobora no kuzura [Isaka mu b]apfuye.” Ariko vyoshobotse bite ko Aburahamu yizera izuka kandi ataryo yaribwigere abona, kandi ata n’iryari bwavugwe ko ryabaye?
5 Niwibuke ko Sara yari afise imyaka 89 igihe Imana yabasezeranira umwana w’umuhungu. Mu nda ha Sara ntihari hagishoboye gutwara umwana—ni nk’uko twovuga ko hari harapfuye. (Itanguriro 18:9-14) Imana yarasubiye gutuma mu nda ha Sara haba hazima, hanyuma atwara inda ya Isaka. (Itanguriro 21:1-3) Kubera ko Imana yatumye mu nda ya Sara hari harapfuye hasubira kuba hazima, Aburahamu yari azi rero ko Imana yari gushobora gusubiza ubuzima Isaka mu gihe bikenewe. Mu Baroma 4:20, 21 havuga ivya Aburahamu hati: “Yiyumviriye ic’Imana yamusezeraniye, ntiyakekeranishwa no kutizera, arikw aremeshwa cane no kwizera, ahesha Imana icubahiro, amenya neza adakekeranya yukw ico yasezeranye ishobora no kugikora.”
6. Yosuwa yaseruye gute ukwizigira Yehova?
6 Ubu haraciye imyaka irenga 3 400, igihe Yosuwa yari afise imyaka irenga ijana kandi mu buzima bwiwe akaba yariboneye ingene Imana ari iyo kwizigirwa, yaratanze iyi mpamvu ituma yizigira Imana ati: “Mu mitima yanyu no mu vyiyumviro vyanyu murazi neza mwese yukw ata kintu na kimwe mu vyiza vyose [Yehova] Imana yanyu yabasezeraniye kitāshitse; vyose vyarasohoye, nta kintu na kimwe muri vyo kitāshitse.”—Yosuwa 23:14.
7, 8. Ni ingendo ndokorabuzima iyihe Abakirisu b’abizerwa bo mu kinjana ca mbere bafashe, kandi babitewe n’iki?
7 Haraciye imyaka nk’1 900, abantu benshi bicisha bugufi baragaragaje ukwizera nyakuri. Baramenye neza biciye kw iranguka ry’ubuhanuzi bwa Bibiliya yuko Yezu yari Mesiya kandi baremera inyigisho ziwe. Kubera ko bari bafise ishingiro rikomeye mu vyabaye no mu Vyanditswe vy’Igiheburayo, barizeye ivyo Yezu yigishije. Gutyo, igihe Yezu yavuga ko urubanza rw’Imana rwari rugiye gushitswa kuri Yudaya na Yeruzalemu kubera ukutizerwa, baremeye ivyo yavuze. Kandi n’igihe yababwira ico bategerezwa gukora kugira ngo barokore ubuzima bwabo, baragikoze.
8 Yezu yabwiye abizeye yuko botegerejwe guhunga igihe Yeruzalemu yari kuba ikikijwe n’igitero. Ingabo z’Abaroma zaraje koko gutera Yeruzalemu mu mwaka wa 66 G.C. Ariko rero Abaroma baciye basubira inyuma ku mpamvu idasiguritse. Ku Bakirisu ico cari ikimenyetso c’uko bakwiye kuva mu gisagara, kubera ko Yezu yari yavuze ati: “Ni mwabona i Yerusalemu hakikijwe n’ibitero, muze mumenye yuk’ubuyobe bgaho bugira bushike. Ico gihe abazoba bar’i Yudaya baze bahungire ku misozi miremire, kand’abazoba bari hagati muri Yerusalemu baze bahasokoroke, kand’abazoba bari mu misozi ntibaze baje i Yerusalemu.” (Luka 21:20, 21) Abari bafise ukwizera nyakuri baravuye muri Yeruzalemu no mu micungararo yaho hanyuma bahungira ahantu hatekanye.
Ingaruka Mbi z’Ukubura Ukwizera
9, 10. (a) Ni mu buryo ki abakuru b’idini berekanye ko batizeye Yezu? (b) Ingaruka mbi z’ukwo kubura ukwizera zabaye izihe?
9 Abatari bafise ukwizera nyakuri bagize iki? Ntibahunze igihe vyari bibashobokeye. Biyumviriye yuko indongozi zabo zari gushobora kubarokora. Yamara, abo bakuru hamwe n’ababashigikiye nyene bari bararonse kandi ikimenyamenya c’uko Yezu yari Mesiya. Ni kuki none batemeye ivyo yavuze? Kubera umutima wabo umeze nabi. Ivyo vyaragaragaye imbere y’aho, igihe baboneye abantu benshi muri ba nyarucari bakinkinyuka baza kuri Yezu inyuma yaho azuriye Lazaro. Yahana 11:47, 48 harigana hati: “Abaherezi bakuru n’Abafarisayo bakoranya abanyekombe [sentare nkuru y’Abayuda], barababaza, bati Mbega, tugire dute? K’uyu muntu [Yezu] akora ibimenyetso vyinshi. Ni twamurekeraho durtyo, bose bazohava bamwizera, kand’Abaroma bazoza batikize igisagara cacu n’ubgoko bgacu.” Umurongo wa 53 uvuga uti: “Nuko bahēra uwo musi baja inama yo kumwica.”
10 Ese ingene cari igitangaro c’akumiza Yezu yari yakoze—kuzura Lazaro akamukura mu bapfuye! Ariko indongozi z’idini zashatse kwegura Yezu kubera ko akoze ivyo. Ububi bwabo bubishe bwarasubiye kugaragara igihe “abaherezi bakuru baja inama yo kwica Lazaro na we, kuko kubgiwe Abayuda benshi bābavako bakizera Yesu.” (Yohana 12:10, 11) Lazaro niho yari akizurwa mu bapfuye, hanyuma abo baherezi bashaka ko asubira gupfa! Ntibari banezwe ukugomba kw’Imana canke ukumererwa neza kw’abantu. Bari abikunda, bakarazwa ishinga n’ivyicaro vyabo hamwe n’inyungu zabo. “Bākunda icubahiro c’abantu kukirutisha icubahiro c’Imana.” (Yohana 12:43) Ariko barahaboneye kubera ukubura ukwizera. Mu mwaka wa 70 G.C., igitero c’Abaroma caragarutse hanyuma kirasangangura ikibanza cabo n’ihanga ryabo, hamwe n’abenshi muri bo.
Ukwizera Kugaragazwa Muri Iki Gihe
11. Ni mu buryo ki ukwizera nyakuri kwagaragajwe mu ntango z’iki kinjana?
11 Muri iki kinjana na ho nyene hariho abagabo n’abagore benshi bagize ukwizera nyakuri. Nk’akarorero, mu ntango y’imyaka y’1900, abantu muri rusangi bari barindiriye kazoza karangwa amahoro n’ugusagamba. Muri ico gihe nyene, abari bizeye Yehova bariko baratangaza yuko umuryango w’abantu wari ugiye kwinjira mu gihe kibi kuruta vyose c’umudurumbanyo utaribwigere ubaho. Ivyo ni vyo vyari vyarabuwe mw Ijambo ry’Imana muri Matayo ikigabane ca 24, 2 Timoteyo ikigabane ca 3, hamwe n’ahandi. Ivyo abo bantu b’ukwizera bavuze mu vy’ukuri vyarashitse, uhereye mu 1914 aho haba Intambara ya I y’Isi Yose. Si ivy’imbeshere, isi yarinjiye mu “misi y’iherezo” yari yaravuzwe irimwo “ibihe bigoye.” (2 Timoteyo 3:1) Ni kuki abasavyi ba Yehova bamenye ukuri kwerekeye uko isi yobaye kuva ico gihe kandi abandi ata vyo bari bazi? Nka kumwe kwa Yosuwa, ni kubera ko bari bizeye yuko ata jambo rya Yehova na rimwe ryobuze gushika.
12. Muri iki gihe, ni umuhango uwuhe wa Yehova abasavyi biwe bizeye bagaherezako?
12 Muri iki gihe, abasavyi ba Yehova bamwizeye barashika hafi imiliyoni zitandatu kw isi yose. Bivuye ku bimenyamenya vyerekeye iranguka ry’Ijambo ry’ubuhanuzi ry’Imana, barazi yuko ubu bwa vuba izorandura iyi si yuzuyemwo ubukazi n’ubushebago. Ku bw’ico rero barizigiye yuko igihe cegereje aho bazobona iranguka rya 1 Yohana 2:17, ahavuga hati: “Isi irikw irashirana n’ivyifuzo vyayo, arik’ūkora ivy’Imana igomba yamah’ibihe bidashira.” Abasavyi biwe barizigira bagaherezako yuko Yehova azorangura uwo muhango.
13. Ushobora kwizigira Yehova gushika ku rugero rungana iki?
13 Ushobora kwizigira Yehova kugeza ku rugero uruhe? Urashobora kumwizigira n’ubuzima bwawe bwose! Naho nyene wotakaza ubuzima bwawe ubu kubera ukumukorera, azogusubiza ubuzima buhambaye kuruta mw izuka. Yezu aratwemeza neza ati: “Igihe kija kuza, ah’abari mu mva [z’icibuko, NW] [ni ukuvuga mu kwibuka kw’Imana] bose bazokwumvira ijwi ryiwe bakazivamwo.” (Yohana 5:28, 29) Mbega hari umuganga, umukuru mu vya politike, umuhinga mu vya siyansi, umucuruzi, canke uwundi muntu n’umwe woba uzi yoshobora gukora ivyo? Ivyo bazwiko kuva kera vyerekana ko ata vyo bashobora. Yehova arabishobora, kandi azobikora!
Kazoza k’Igitangaza ku Bizerwa
14. Ni kazoza k’igitangaza akahe Ijambo ry’Imana risezeranira abizerwa?
14 Yezu yarerekanye ko isi nshasha munsi y’inganji y’Ubwami bw’Imana bwo mw ijuru atari ikintu c’umugani, avuga ati: “Hahirwa abatekereza, kukw ari bo bazoragwa isi.” (Matayo 5:5) Ivyo bishimika ku muhango w’Imana uri muri Zaburi 37:29 havuga hati: “Abagororotsi bazoragwa [isi, NW], ba[y]ibemw’ibihe bidashira.” Kandi imbere nyene yuko Yezu apfa, igihe inkozi y’ikibi imwe yaserura ukumwizera, Yezu yabwiye nya mugabo ati: “Uzoba uri kumwe nanje muri Paradiso.” (Luka 23:43, NW) Ni ko, kubera ko Yezu ari we Mwami w’Ubwami bw’Imana, azoshirwa azuye uwo mugabo mu buzima bwo kw isi, aronke akaryo ko kubaho ibihe bidashira mw Iparadizo. Muri iki gihe, abizeye Ubwami bwa Yehova barashobora na bo nyene kurindirana umunezero kuba mw Iparadizo igihe “[Imana] izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bi[zoba vya]shize.”—Ivyahishuriwe 21:4.
15, 16. Ni kubera iki ubuzima buzoba bwuzuye amahoro muri ya si nshasha?
15 Reka dutereze amaso imbere dufate ko twoba turi mw isi nshasha. Iyumvire ko tumaze kuyijamwo. Duca tubona neza abantu bahimbawe babana mu mahoro yuzuye. Baranezerewe nk’uko bidondowe muri Yesaya 14:7 ngo: “Isi yose ironse impore, iratekereje; baraturitse bararirimba.” Ni kubera iki bamerewe gutyo? Erega kimwe coco, urabona ko inzugi z’amazu zitagirako ivyugazo. Ivyo ntawubikeneye kubera ko ata bukozi bw’ikibi canke ubukazi bikiriho. Ni nk’uko nyene Ijambo ry’Imana ryavuze ko vyobaye, riti: “Umuntu wese azokwībēra musi y’umuzabibu wiwe no musi y’umusukoni wiwe; kandi nta wuzobakanga.”—Mika 4:4.
16 Nta n’intambara ikiriho, kubera ko muri iyi si nshasha, intambara ibujijwe n’amategeko. Ibirwanisho vyose vyacuzwemwo ibikoresho vy’amahoro. Mu buryo bwuzuye, Yesaya 2:4 harangutse: “Inkota zabo bazozivunjamw’amasuka, n’amacumu bazoyavunjamw’inkero; nta hanga rizobangurira irindi hanga inkota, kandi ntibazokwiga kurwana ukundi.” Ngivyo noneho ivyo twari turindiriye. Kuki? Kuko benshi mu baba mw isi nshasha bize kubigira igihe bǎriko bakorera Imana mw isi ya kera.
17. Ni ubuzima bumeze gute buzoba bwiganza munsi y’inganji y’Ubwami bw’Imana?
17 Ikindi kintu ubona ni uko ata bukene buhari. Nta muntu aba mu gasaka canke yambaye imishambara canke atagira aho akika umusaya. Umwe wese afise inzu y’amaraha n’itongo risukuye ririmwo ibiti n’amashurwe vy’akaroruhore. (Yesaya 35:1, 2; 65:21, 22; Ezekiyeli 34:27) Kandi nta nzara iriho kubera ko Imana yashikije umuhango yatanze w’uko hobaye umukimba w’ibifungurwa kuri bose: “Hazokwera impeke habe agahimbo mu gihugu no ku mpinga z’imisozi.” (Zaburi 72:16) Si ivy’imbeshere, kubera ko hategeka Ubwami bw’Imana, iparadizo iteye igomwe irakwiye kw isi iyo iva ikagera, nk’uko nyene Imana yari yabigabiye muri Edeni.—Itanguriro 2:8.
18. Ni ibintu ibihe bitazoba bigihanamiye abantu mw isi nshasha?
18 Uratangazwa kandi n’inguvu nyinshi umwumwe wese afise. Ivyo ni uko ubu bafise imibiri n’imizirikanyi bitagira agasembwa. Nta ndwara, umubabaro canke urupfu bikiriho. Nta n’umwe ari kw ikinga ry’ibimuga canke ku musego mu bitaro. Ivyo vyose vyagiye ubutakigaruka. (Yesaya 33:24; 35:5, 6) Washaka, nta na kimwe mu bikoko kigeramiye ubuzima bw’umuntu, kubera ko vyagizwe ibinyamahoro ku bubasha bw’Imana!—Yesaya 11:6-8; 65:25; Ezekiyeli 34:25.
19. Ni kuki umusi wose muri ya si nshasha uzoba ari uw’ ‘umunezero w’umusesekara’?
19 Mbega isirimuka ry’igitangaza ryungunganijwe n’ababa mw isi nshasha b’abizerwa! Inguvu n’ubuhanga vyabo hamwe n’ubutunzi bw’isi bikoreshwa ibintu ngirakamaro gusa, ntibikoreshwa ibintu bibabaza; bikoreshwa mu gufashanya n’abandi, si uguhiganwa na bo. Vyongeye, nk’uko Imana yabisezeranye, umuntu wese muhura ni umuntu ushobora kwizera kubera ko bose ari ‘abantu bigishijwe na Yehova.’ (Yesaya 54:13) Kubera ko umwumwe wese ayoborwa n’ivyagezwe n’Imana, isi ‘yuzuye kumenya Yehova nk’ukw amazi abugereye mu kiyaga.’ (Yesaya 11:9) Mu vy’ukuri, umusi wose umuntu amara muri iyi si nshasha umeze nk’uko Zaburi 37:11 havuze: ni umusi w’ ‘umunezero w’umusesekara.’
Tuzogira Kazoza k’Agahimbare
20. Dutegerezwa gukora iki kugira ngo tuze duhimbarwe na kazoza kuzuye amahoro?
20 None ni igiki dutegerezwa gukora kugira ngo tuzogire ako kazoza k’agahimbare? Yesaya 55:6 hatubwira hati: “Ni murondere [Yehova, NW] bigishoboka kw abonwa, ni mumwambaze akiri hafi.” Kandi uko turondera, agatima tubigirana gakwiye kuba nka kamwe kadondorwa muri Zaburi 143:10 ngo: “Unyigishe gukora ivyo ugomba, kukw ari wewe Mana yanje.” Abagira ivyo bashobora kugenda batagira akarabagu mu nyonga za Yehova muri iyi misi y’iherezo, kandi bagashobora kurindirana umunezero kazoza k’akaroruhore. “Witegereze ūtunganye rwose, urābe umugororotsi: kukw amaherezo y’ūmeze artyo ar’amahoro. Abacumura bo bazohonera hamwe, iherezo ry’umunyakibi n’amahonero.”—Zaburi 37:37, 38.
21, 22. Imana iriko ishiraho iki muri iki igihe, kandi nya gucisha ubwenge kurangurwa gute?
21 Ubu bwa jisho Yehova ariko yakura mw ihanga ryose abashaka gukora ivyo agomba. Ariko arabungunganya ngo bagire ishingiro ry’ikibano gishasha azoba yatunganije kw isi, nk’uko ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwari bwarabivuze ngo: “Mu misi y’iherezo [igihe turimwo ubu] . . . Amoko menshi azojayo, abarirane, ati Ni muze tudūge, tuje ku murwa w’Uhoraho [ukumusenga kw’ukuri gushizwe hejuru] . . . [a]twigishe ivy’inzira z[iwe], natwe tuzigenderemwo.”—Yesaya 2:2, 3.
22 Ivyahishuriwe 7:9 habadondora ko ari “ishengero ryinshi . . . bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose.” Umurongo wa 14 uvuga uti: “Aba n’abāvuye muri wa mubabaro mwinshi” barokotse iherezo ry’ivy’iyi si. Iryo shingiro ry’isi nshasha ubu rigizwe n’isinzi ry’abantu bababa imiliyoni zitandatu, ukongerako n’abashasha benshi baza bariyongera kuri ryo uko umwaka utashe. Abo basavyi b’abizerwa bose ba Yehova ubu bariko bacishwa ubwenge ngo bazobe mw isi nshasha yiwe. Bariko bariga ubuhanga mu vy’impwemu hamwe n’ubundi buhanga bukenewe mu guhindura iyi si ngo ibe iparadizo. Kandi barizigiye vyuzuye ko iyo Paradizo itazoba umugani kubera yuko “uwasezeranye ar’uwo kwizerwa.”—Abaheburayo 10:23.
Isubiramwo
◻ Mu kinjana ca mbere, ukubura ukwizera kwazanye ingaruka mbi izihe?
◻ Abasavyi b’Imana bashobora kwizigira Imana kugeza ku rugero uruhe?
◻ Ni kazoza akahe kabikiwe abizerwa?
◻ Ni igiki dutegerezwa gukora ngo tuzogire kazoza k’agahimbare mw isi nshasha y’Imana?
[Ifoto ku rup. 12]
Ubu bwa jisho Yehova ariko ashiraho ishingiro ry’ikibano gishasha co kw isi