ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w99 1/2 rup. 13-18
  • Nutarike Amaboko Yera mu Gusenga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nutarike Amaboko Yera mu Gusenga
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Niwiyumvire Imbere y’Igihe Ivyo Uja Gusaba
  • Niwiyegereze Imana Ubigiranye Icubahiro
  • Nusengane Umutima wo Kwicisha Bugufi
  • Nusenge Bivuye ku Mutima
  • Niwibuke Gushimira Imana no Kuyishemeza
  • Ntiwigere Ugira Isoni ryo Gusenga
  • Nuhumurizwe n’Isengesho
  • Intahemuka Barashishikara Gusenga
  • Amasengesho utura ahishura iki ku bikwerekeye?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ni kubera iki dukwiye gusenga ubudasiba?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Uburyo Ushobora Kwiyegereza Imana
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Niwiyegereze Imana mw’isengesho
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
w99 1/2 rup. 13-18

Nutarike Amaboko Yera mu Gusenga

“Ndagomba kw abagabo basenga hose, batarika amaboko yera, bataratse, batagira ibihāri.”—1 TIMOTEYO 2:8.

1, 2. (a) 1 Timoteyo 2:8 herekeye gute isengesho riturwa n’abasavyi ba Yehova? (b) Ubu tugiye kurimbura iki?

YEHOVA yiteze ko abasavyi biwe bamubera intahemuka kandi ntibahemukiranire. Intumwa Paulo yarerekanye ko ukudahemuka gufitaniye isano n’isengesho igihe yandika ati: “Ndagomba kw abagabo basenga hose, batarika amaboko yera, bataratse, batagira ibihāri.” (1 Timoteyo 2:8) Bisa n’uko Paulo yariko avuga amasengesho aturwa ku mugaragaro ahantu “hose” Abakirisu bakoranira. Ni bande bari bakwiye guserukira abasavyi b’Imana mw’isengesho ku makoraniro y’ishengero? Bari kuba gusa abagabo beranda, batunganye, kandi bubaha, abarangura neza amabanga yose ajanye n’Ivyanditswe yashinzwe n’Imana. (Umusiguzi 12:13, 14) Bategerezwa kuba batyoroye mu buryo bw’impwemu no mu vy’ukwigenza runtu kandi bakaba bayobokera Yehova Imana.

2 Abakurambere b’ishengero canecane bategerezwa “[g]utarika amaboko yera [mw’isengesho].” Amasengesho batura avuye ku mutima bakayacisha kuri Yezu Kirisitu aragaragaza ukudahemuka ku Mana kandi akabafasha kwirinda ibihari hamwe n’uguturika kw’uburake. Mu vy’ukuri, umugabo wese atewe agateka ko guserukira ishengero ry’Abakirisu mw’isengesho atura ku mugaragaro akwiye kuba atarakara, atagaragaza umutima mubi, kandi ari intahemuka kuri Yehova no kw’ishirahamwe ryiwe. (Yakobo 1:19, 20) Ni izindi nyobozo zo muri Bibiliya izihe zoba zihari zoyobora abatewe agateka ko guserukira abandi mw’isengesho rishikirizwa ku mugaragaro? Vyongeye n’ingingo zimwezimwe izihe zo mu Vyanditswe dukwiye gushira mu ngiro mu gihe dusenga twenyene hamwe n’igihe dusenga mu muryango?

Niwiyumvire Imbere y’Igihe Ivyo Uja Gusaba

3, 4. (a) Ni kuki ari ngirakamaro kwiyumvira imbere y’igihe ivyo umuntu aja kuvuga mu gusenga ku mugaragaro? (b) Ivyanditswe vyerekana iki ku vyerekeye uburebure bw’amasengesho?

3 Iyo badusavye gusenga ku mugaragaro, kumbure tuzoshobora n’imiburiburi kwiyumvira imbere y’igihe ivyo tuja kuvuga. Ivyo tubigize vyotuma dushobora kuvuga ibintu bihambaye kandi bibereye tutarinze gutura isengesho rirerire dupfa kuvuga ibitajanye. Ego niko, amasengesho dutura mu mwiherero na yo arashobora guturwa n’ijwi ryumvikana. Ashobora kugira uburebure ubwo ari bwo bwose. Yezu yamaze ijoro ryose ariko arasenga imbere y’uko ahitamwo intumwa ziwe 12. Ariko rero, igihe yatanguza Icibutso c’urupfu rwiwe, biboneka yuko amasengesho yaturiye umukate n’umuvinyu yo yari magufi. (Mariko 14:22-24; Luka 6:12-16) Kandi turazi yuko n’amasengesho ya Yezu magufimagufi yari yemewe neza n’Imana.

4 Dufate yuko dutewe agateka ko guserukira umuryango mw’isengesho imbere yo gufungura. Isengesho mwene iryo rishobora kuba rigufi ku rugero runaka—mugabo rero ivyovugwa vyose bikwiye kujamwo uguserura ko dukenguruka izo mfungurwa. Iyo turiko turasenga ku mugaragaro imbere canke inyuma y’ikoraniro rya gikirisu, ntidukwiye gutura isengesho rirerire ririmwo ibintu vyinshi. Yezu yarahinyuye abanyabwenge b’ivyanditswe “[b]ivugisha ibisabisho birebire.” (Luka 20:46, 47, Ubwuzure Bushasha) Umuntu ayobokera Imana ntiyokwigera arondera kugira ivyo. Ariko rero, rimwe na rimwe hari ukuntu isengesho rirerire ryo ku mugaragaro riba rikwiriye. Dufate akarorero: Umukurambere aba yatowe ngo ashikirize isengesho rya nyuma kw’iteraniro akwiye kwiyumvira imbere y’igihe ivyo aja kuvuga, kandi hari igihe yokwipfuza kurivugamwo ibintu bitari bike. Yamara rero ntiwumve, n’isengesho nk’iryo ntirikwiye kuba rirerire birenze urugero.

Niwiyegereze Imana Ubigiranye Icubahiro

5. (a) Ni igiki dukwiye kugumiza mu muzirikanyi igihe turiko dusengera ku mugaragaro? (b) Ni kubera iki umuntu akwiye gusenga mu buryo buranga urupfasoni n’icubahiro?

5 Igihe turiko turasenga ku mugaragaro, dukwiye kwibuka yuko tutariko tubwira abantu. Ahubwo nyabuna, turi ibiremwa binyagasembwa biba biriko bitakambira Umukama Segaba Yehova. (Zaburi 8:3-5, 9; 73:28) Ni co gituma rero dukwiye kugaragaza ubwoba buvanze n’icubahiro bw’ugutinya ko twohava tutamuhimbara mu vyo tuvuga no mu kuntu tubiserura. (Imigani 1:7) Dawidi umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Ariko jeho, ubginshi bg’imbabazi zawe buzonyinjiza mu ngoro yawe, nzokwikubita hasi nsenge nkwubashe, nerekeye urusengero rwawe rwera.” (Zaburi 5:7) Niba dufise ako gatima, tuzovuga gute mu gihe badusavye gusenga ku mugaragaro kw’ikoraniro ry’Ivyabona vya Yehova? Mu gihe twoba turiko turayaga n’umwami w’umuntu, twobigirana icubahiro n’urupfasoni. None amasengesho yacu ntiyari akwiye mbere kurushiriza kuba ayarangwa urupfasoni n’icubahiro kubera ko tuba turiko dusenga Yehova, wa ‘Mwami ahoraho’? (Ivyahishuriwe 15:3) Uca wumva rero ko igihe tuba turiko turasenga twokwirinda amajambo nka “Mwaramutse, Yehova,” “Turakurungikiye urukundo tugufitiye,” canke ngo “Ugire umusi mwiza.” Ivyanditswe vyerekana ko Umwana w’Imana w’ikinege, Yezu Kirisitu, atigeze abwira Se wiwe wo mw’ijuru amajambo nk’ayo.

6. Dukwiye kugumiza iki mu muzirikanyi igihe ‘twegera intebe y’ubuntu tutabereye’?

6 Paulo yavuze ati: “Ni twēgēre intebe y’ubuntu [tutabereye] dushize ubgoba.” (Abaheburayo 4:16) Turashobora kwiyegereza Yehova “dushize ubgoba” naho nyene turi abanyagasembwa kubera ko twizeye inkuka y’incungu ya Yezu Kirisitu. (Ivyakozwe 10:42, 43; 20:20, 21) Yamara rero, ukwo ‘gushira ubwoba’ ntibisobanura ko tuba turiko turakinisha Imana; canke ngo tuyibwire ibintu bitaranga icubahiro. Niba dushaka ko amasengesho dutura ku mugaragaro ahimbara Yehova, akwiye gushikirizwa n’icubahiro hamwe n’urupfasoni bibereye, vyongeye ntivyoba bibereye tuyakoresheje kugira dushikirize amatangazo, duhanure abantu, canke kugira dukangire abatwumviriza.

Nusengane Umutima wo Kwicisha Bugufi

7. Salomo yagaragaje ukwicisha bugufi gute aho yasenga igihe co kwinjira urusengero rwa Yehova?

7 Twaba turiko turasengera ku mugaragaro canke mu mwiherero, ingingo ihambaye yo mu Vyanditswe twogumiza mu muzirikanyi ni iyi: Dukwiye kugaragaza agatima ko kwicisha bugufi mu masengesho dutura. (2 Ngoma 7:13, 14) Umwami Salomo yaragaragaje ukwicisha bugufi mw’isengesho yatuye ku mugaragaro mu gihe co kwinjira urusengero rwa Yehova i Yeruzalemu. Salomo niho yari agiheza imwe mu nyubakwa z’akaroruhore gusumba izari zarigeze kwubakwa zose kw’isi. Yamara rero, yasenganye ukwicisha bugufi ati: “N’ivy’ukuri Imana yoza kuba mur’iyi si? Rāba ijuru, mbere n’ijuru risumba ayandi, ntushobora kurikwirwamwo, nkanswe iyi nzu nubatse!”—1 Abami 8:27.

8. Ni uburyo bumwebumwe ubuhe ukwicisha bugufi kugaragarizwa mw’isengesho rishikirijwe ku mugaragaro?

8 Nka kumwe kwa Salomo, dukwiye kwicisha bugufi igihe duserukira abandi mw’isengesho dutura ku mugaragaro. Naho nyene dukwiye kwirinda uburyarya mu vy’ugusenga Imana, ukwicisha bugufi kurashobora kugaragarira kw’ijwi dukoresha. Amasengesho agiranywe ukwicisha bugufi ntaranga ukwishira hejuru canke ngo akwegere inyiyumvo gusa. Akwegera ivyiyumviro ku Wo tuba turiko turasenga si ku wushikiriza isengesho. (Matayo 6:5) Vyongeye, ukwicisha bugufi kugaragarira mu vyo tuvuga mw’isengesho. Iyo dusenze twicishije bugufi, ntibizokwumvikana nk’aho turiko dusaba yuko Imana igira ibintu binaka mu buryo dushaka ko bigirwa. Ahubwo, tuzotakambira Yehova ngo akore ibintu mu buryo bujanye n’ukugomba kwiwe kweranda. Umwanditsi wa Zaburi yaratanze akarorero mu vy’ukugira inyifato ikwiriye igihe yatakamba ati: “Dukize turakwinginze, ewe [Yehova: Yehova] turakwinginze, uduhe kugubga neza.”—Zaburi 118:25; Luka 18:9-14.

Nusenge Bivuye ku Mutima

9. Ni impanuro nziza iyihe Yezu yatanze dusanga muri Matayo 6:7, kandi ishobora gushirwa mu ngiro gute?

9 Niba dushaka ko amasengesho dutura ku mugaragaro canke mu mwiherero ashimisha Yehova, akwiye kuba ava ku mutima. Gutyo, ntituzopfa gusubiramwo igisabisho incuro n’izindi tutiyumvira ivyo turiko turavuga. Muri ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi, Yezu yatanze iyi mpanuro ati: “Ni mwasenga, ntimukabomboranye amanwa nk’ukw abanyamahanga bagira: b[ak]iyumvira [bihenda] yuko bazokwumvirwa kubg’amajambo yabo menshi.” Mu yindi mvugo, Yezu yavuze ati: “Ntimukavuge ibitagira ikimazi; ntimugasubiremwo ivyo mwafashe ku mutwe ataco bivuze.”—Matayo 6:7; NW, akajambo k’epfo.

10. Ni kuki vyoba bibereye dusenze ku vyerekeye ikintu kimwe incuro nyinshi?

10 Birumvikana, turashobora kuba dukeneye gusenga twisubiriza ku vyerekeye ikintu kimwe. Ivyo ntivyoba ari bibi kubera ko Yezu yahimirije ati: ‘Mubandanye gusaba, muzohabga; mubandanye kurondera, muzoronka; mubandanye kudodora, muzokwugururirwa.’ (Matayo 7:7, NW) Kumbure birakenewe ko haboneka Ingoro y’Ubwami nshasha kubera ko Yehova ariko atuma umurimo wo kwamamaza inkuru nziza urangurirwa aho tuba usagamba. (Yesaya 60:22) Vyoba vyiza tubandanije kuvuga n’ico kintu gikenewe igihe dusenga turi twenyene canke igihe dutura isengesho ku mugaragaro ku makoraniro y’abasavyi ba Yehova. Tugize gutyo ntibisigura ko turiko ‘dusubiramwo ivyo twafashe ku mutwe ataco bivuze.’

Niwibuke Gushimira Imana no Kuyishemeza

11. Ab’i Filipi 4:6, 7 herekeye gute isengesho umuntu atura yiherereye n’iryo atura ku mugaragaro?

11 Abantu benshi usanga basenga igihe gusa hari ikintu basaba, ariko urukundo dufitiye Yehova Imana rwari rukwiye gutuma tumukurira ubwatsi kandi tukamushemeza igihe dusenga mu mwiherero no ku mugaragaro. Paulo yanditse ati: “Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka. Maz’amahoro y’Imana aruta uko yomenywa n’umuntu wese, azoshibamira imitima yanyu n’ivyiyumviro vyanyu muri Kristo Yesu.” (Ab’i Filipi 4:6, 7) Egome, uretse kwinginga be no gutakamba, turakwiye gukengurukira Yehova ku bw’imihezagiro yaduhaye yo mu buryo bw’impwemu no mu buryo bw’umubiri. (Imigani 10:22) Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Uz’ushikanire Imana ikimazi co gukenguruka; Īsumba vyose uyishitsekw amasezerano yawe.” (Zaburi 50:14) Vyongeye, ururirimbo Dawidi yaririmvye asenga rwarimwo n’aya majambo nkoramutima: “Nzotazirisha izina ry’Imana indirimbo: nzoyihimbarisha ishimwe ry’ivyo yankoreye.” (Zaburi 69:30) None ntidukwiye kugira ivyo nyene mu gihe dutura isengesho ku mugaragaro no mu mwiherero?

12. Zaburi 100:4, 5 iriko iraranguka gute muri iki gihe, kandi kubera ivyo dushobora gushimira Imana no kuyishemeza ku biki?

12 Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ivyerekeye Imana ati: “Mushike mu birimba vyiwe mushima, no mu nyubakwa ziwe muhimbaza; mumukengurukire, mushemagize izina ryiwe. Kuk[o Yehova] ari mwiza, imbabazi ziwe zihorah’ibihe bidashira, kand’ahora ar’umwizigirwa no gushitsa ibihe vyose.” (Zaburi 100:4, 5) Muri iki gihe, abantu bo mu mahanga yose bariko barinjira mu birimba vy’urusengero rwa Yehova, kandi kuri ico kintu turashobora kumushemeza no kumushimira. Woba userura ugushimira Imana ku bw’Ingoro y’Ubwami mufise iwanyu kandi ukagaragaza ugukenguruka mu kwama uhikoraniriza udahengeshanya hamwe n’abakunda Yehova? Igihe uba uriyo, woba uduza ijwi ryawe bivuye ku mutima mu ndirimbo zo gushemeza no gukengurukira Data wa twese munyarukundo wo mw’ijuru?

Ntiwigere Ugira Isoni ryo Gusenga

13. Ni akarorero akahe ko mu Vyanditswe kerekana ko dukwiye gutakambira Yehova n’igihe nyene twoba twumva ko tutabereye biturutse ku vyo twiyagiriza?

13 N’igihe twumva ko tutabereye kubera ikibi kitwagira, dukwiye guhindukirira Imana tugatakamba dufise ubwira. Igihe Abayuda bacumura mu kwabira abagore b’abanyamahanga, Ezira yarapfukamye, atarikira Imana amaboko yiwe yera, hanyuma asenga yicishije bugufi ati: “Ewe Mana yanje, isoni ziriko zirammwa, mu maso hanje hāhīndānye, bimbuza kukwunamurirakw amaso, Mana yanje, kukw ibigabitanyo vyacu bigwiriye, bikaba umurengera, ivyo twakoze biradutsinze, vyarundaye bigera mw ijuru. Uhereye mu bihe vya ba sogokuruza twamye dukora ibidutsinda vyinshi cane, gushitsa na bugingo n’ubu; . . . None rero kw ivyo vyose bidushitseko, tukaba dutsinzwe n’ivyo twakoze vyinshi, tuzize ingeso zacu mbi, nawe Mana yacu ukaba utaduhannye igihano cari gikwiranye n’ibigabitanyo vyacu, kuk’udushigarije amasigarira angana artya, mbega twongeye kurenga ivyagezwe vyawe, dushingirana n’abanyamahanga bakora ivyo bintu vy’ubuyobe? Ntuca uturakira kugeza uturanduye, ntihagire amasigarira canke n’uwa kirazira? [Yehova] Mana y’Abisirayeli, ni wewe ugororoka; kuko twebge dusigaye tur’amasigarira, nk’uko bimeze uyu musi; rāba tur’imbere yawe dutsinzwe n’urubanza; ivyo ni vyo bituma tudashobora guhagarara imbere yawe.”—Ezira 9:1-15; Gusubira mu Vyagezwe 7:3, 4.

14. Nk’uko vyerekanywe mu misi ya Ezira, ni igiki gisabwa kugira ngo Imana itubabarire?

14 Kugira ngo tugirirwe ikigongwe n’Imana, ukuyaturira ivyaha bikwiye kujana n’ukwigaya hamwe n’“imbuto zikwiranye n’ukwihana.” (Luka 3:8; Yobu 42:1-6; Yesaya 66:2) Mu misi ya Ezira, agatima karanga ukwihana kuhiriwe n’akigoro ko gushira mu buryo ikibi cari cakozwe, mu kwirukana ba bagore b’abanyamahanga. (Ezira 10:44; gereranya na 2 Ab’i Korinto 7:8-13.) Niba turiko turondera ko Imana itugirira ikigongwe c’ikibi gikomeye twakoze, nimuze tucature mw’isengesho tumutura twicishije bugufi twongere twame ivyamwa bikwiranye n’ukwihana. Agatima karanga ukwihana hamwe n’icipfuzo co gushira mu buryo nya kibi vyotuma kandi turondera imfashanyo yo mu buryo bw’impwemu duhabwa n’abakurambere b’Abakirisu.—Yakobo 5:13-15.

Nuhumurizwe n’Isengesho

15. Ivyashikiye Hana vyerekana gute ko dushobora guhumurizwa n’isengesho?

15 Igihe umutima wacu uri mu mubabaro biturutse ku mvo yinaka, turashobora guhumurizwa n’isengesho. (Zaburi 51:17; Imigani 15:13) Ya ntahemuka Hana ryaramuhumurije. Yabayeho mu gihe imiryango yakunda kugira abana benshi muri Isirayeli, ariko we akaba ata kana yari yaravyaye. Umunega wiwe, Elukana, yari afise abahungu n’abakobwa ku wundi mugore yitwa Penina, uwashinyagurira Hana kubera ko yari ingumba. Hana yarasenganye ubwira kandi asezerana ko niyahezagirwa akaronka umwana w’umuhungu, ‘azogahereza Yehova abe uwiwe kuzorinda apfa.’ Kubera ko yari yahumurijwe n’isengesho atuye be n’amajambo Umuherezi Mukuru Eli yamubwiye, Hana “ntiyasubira kwiraburanirwa ukundi.” Yaravyaye umwana w’umuhungu ari we yise Samweli. Mu nyuma, yaramutanze ku bw’umurimo wo mu rusengero rwa Yehova. (1 Samweli 1:9-28) Kubera ko yakengurutse ubuntu Imana yamugiriye, Hana yaratuye isengesho ryo gushima—iryahayagiza Yehova ko ari ntangere. (1 Samweli 2:1-10) Nka kumwe kwa Hana, turashobora guhumurizwa n’isengesho, twizigiye ko Imana yishura ivyo tuyisavye vyose bijanye n’ukugomba kwayo. Igihe tuyirundumuriye umutima wacu, nimuze “nti[du]subir[e] kwiraburanirwa ukundi,” kubera ko izoturemurura umutwaro wacu canke itume dushobora kuwikorera.—Zaburi 55:22.

16. Nk’uko vyagaragariye kuri Yakobo, ni kuki dukwiye gusenga igihe dutekewe n’ubwoba canke dufise amaganya?

16 Igihe hari ikintu kiduteye ubwoba, umubabaro wo mu mutima, canke amaganya, nimuze ntitunanirwe guhindukirira Imana kugira ngo duhumurizwe n’isengesho. (Zaburi 55:1-4) Yakobo yaratekewe n’ubwoba igihe yari agiye guhura na murumunawe Esau yari amufitiye inzika. Yamara Yakobo yarasenze ati: “Mana ya sogokuru Aburahamu, Mana ya data Isaka, ewe [Yehova], si wewe wambariye, uti Subira mu gihugu canyu, no muri bene wanyu, uti Nanje nzokugirira neza? Izo mbabazi zose wagiriye umusavyi wawe, n’ukuntu utampemukiye, sinari mbereye kugirirwa na bikeya; kuko najabutse Yorodani uru nitwaje akoho gusa, none nahindutse imice ibiri. Ndakwinginze, n’unkize, unkūre mu maboko ya mukurwanje Esau: kuko ndamutinya, yoye kuza akanyicana n’abana na ba nyina. Kand’ari wewe wambariye, uti Sinzobura kukugirira neza, uti Nzohindura uruvyaro rwawe, rungane n’umusenyi wo ku kiyaga, w’isinzi utōharūrika.” (Itanguriro 32:9-12) Esau ntiyateye Yakobo n’abo bari kumwe. Gutyo, Yehova ‘yaragiriye neza’ Yakobo muri ico gihe.

17. Dukurikije ibiri muri Zaburi 119:52, isengesho rishobora gute kuduhumuriza igihe turi mu kigeragezo gikomeye?

17 Mu gihe tuba turiko turatakamba, turashobora guhumurizwa n’ukwibuka ibintu vyavuzwe mw’Ijambo ry’Imana. Muri ya zaburi ndende gusumba izindi—rikaba ari isengesho ryiza ryaherekejwe n’ibicurarango—birashoboka ko Umuganwa Hezekiya ari we yoba yaririmvye ati: “[Yehova], mpora nibuka imanza zawe za kera, nkiremesha.” (Zaburi 119:52) Mw’isengesho dutuye twicishije bugufi igihe tuba turi mu kigeragezo gikomeye, turashobora kwibuka ingingo yo muri Bibiliya canke itegeko rirashobora kudufasha gukurikirana ingendo yodushikana ku guhumurizwa no kumenya neza yuko duhimbara Data wa twese wo mw’ijuru.

Intahemuka Barashishikara Gusenga

18. Ni kuki bishobora kuvugwa ko ‘umuntu w’intahemuka wese azosenga Imana’?

18 Intahemuka kuri Yehova Imana bose ‘bazoshishikara gusenga.’ (Abaroma 12:12) Muri Zaburi ya 32, iyishobora kuba yateguwe Dawidi amaze gucumurana na Batisheba, yaradondoye agahinda yatewe no kunanirwa kurondera ukubabarirwa hamwe n’ukuntu kwihana be no kwaturira Imana ivyaha biremurura umuntu. Dawidi yaciye aririmba ati: “Ni co gituma [kubera ko Yehova aharira abihana vy’ukuri] ūkwubaha wese akwiye kugusengera mu gihe wobonerwamwo.”—Zaburi 32:6.

19. Ni kuki dukwiye gutarika amaboko yera mw’isengesho?

19 Niba dukunda cane ubucuti dufitaniye na Yehova Imana, tuzosenga dusaba ko yotugirira imbabazi twishimikije inkuka y’incungu ya Yezu. Dufise ukwizera, turashobora kwiyegereza intebe y’ubwami y’ubuntu tudakwiriye dushize ubwoba kugira ngo tugirirwe imbabazi twongere turonke imfashanyo iza ku gihe. (Abaheburayo 4:16) Ariko hari imvo nyinshi cane zotuma dusenga! Nimuze rero “[d]usenge ubudasība”—dukunde gukoresha amajambo avuye ku mutima yo gushemeza no gukengurukira Imana. (1 Ab’i Tesalonike 5:17) Nimuze dutarike amaboko yera mw’isengesho ijoro n’umutaga.

Wokwishura Gute?

◻ Kwiyumvira imbere y’igihe ivyo uja kuvuga mw’isengesho ryo ku mugaragaro bifise akamaro akahe?

◻ Ni kuki dukwiye gusenga mu buryo burangwa icubahiro n’urupfasoni?

◻ Ni agatima akahe dukwiye kugaragaza igihe tuba turiko turasenga?

◻ Igihe tuba turiko turasenga, ni kuki dukwiye kwibuka gushimira Imana hamwe no kuyishemeza?

◻ Bibiliya yerekana gute ko dushobora guhumurizwa n’isengesho?

[Ifoto ku rup. 15]

Umwami Salomo yaragaragaje ukwicisha bugufi mw’isengesho yatuye ku mugaragaro ca gihe co kwinjira urusengero rwa Yehova

[Amafoto ku rup. 16]

Nka kumwe kwa Hana, urashobora guhumurizwa n’isengesho

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika