ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w99 1/3 rup. 6-11
  • Incungu ya Kirisitu—Ni Yo Nzira Imana Ikirizamwo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Incungu ya Kirisitu—Ni Yo Nzira Imana Ikirizamwo
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ugukurwaho kw’Icaha n’Urupfu
  • Ugutanga Indishi y’Icaha
  • ‘Incungu Bikwiranye’
  • Agaciro k’Ubuzima bw’Umuntu Butagira Agasembwa
  • Turungukira ku Ncungu ya Kirisitu
  • Ya Ncungu Ni Uburyo bw’Uguserura Urukundo
  • Incungu ni ingabire iruta izindi zose
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Incungu ni ingabirano iruta izindi zose Imana yatanze
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Yehova “yaracunguye benshi”
    Niwiyegereze Yehova
  • Ni gute inkuka ya Yezu ari “incungu ya benshi”?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
w99 1/3 rup. 6-11

Incungu ya Kirisitu—Ni Yo Nzira Imana Ikirizamwo

“Urukundo Imana yakunze abari mw isi [ni] rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ūmwizera wese ntaz’apfe rubi, arikw ahabge ubu[zima] budashira.”—YOHANA 3:16.

1, 2. Dondora ingorane zahabaye ku biraba ubwoko-muntu.

IYUMVIRE nka hamwe woba urwaye indwara itegerezwa kuzoguhitana kiretse bakubāze. Wokwumva umerewe gute mu gihe usanze ivyo bagusavye kuriha kugira ngo ubagwe biruta ivyo woshobora kuronka? Vyogenda gute hoho mu gihe, naho woterateranya utwo umuryango wawe hamwe n’abagenzi bafise twose, utoshobora kubiriha? Guhangana n’akaga nk’ako gahanamiye ubuzima coba ari ikintu kibabaje!

2 Ivyo biragereranya ibintu vyabaye ku bwoko-muntu. Abavyeyi bacu ba mbere, Adamu na Eva, bari baremwe batagira agasembwa. (Gusubira mu Vyagezwe 32:4) Bari bafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera no gushitsa umugambi w’Imana ari wo w’uwu: “Ni murondoke, mugwire, mwuzure isi muyiganze.” (Itanguriro 1:28) Ariko rero, Adamu na Eva baragararije Umuremyi wabo. (Itanguriro 3:1-6) Ukugambarara kwabo ntikwazaniye icaha Adamu na Eva bonyene, ariko kandi kwakizaniye n’abobakomotseko. Wa mugabo w’umwizerwa Yobu yavuze mu nyuma ati: ‘Ni nde yoshobora gukura umuntu atunganye mu muntu yanduye? Erega nta wuriho n’umwe.’—Yobu 14:4.

3. Urupfu rwakwiye gute ku bantu bose?

3 Gutyo rero icaha kimeze nk’indwara yoba yandukiye umuntu wese muri twebwe, kubera ko Bibiliya ivuga yuko “bose bākoze ivyaha.” Iyi mero turimwo ituma ubuzima buhanamirwa. Si ivy’imbeshere, “ingero y’icaha n’urupfu.” (Abaroma 3:23, 6:23, ni twe duhiritse izo ndome.) Nta n’umwe muri twebe yoshobora kubihunga. Zina muntu wese aracumura, ni co gituma abantu bose bapfa. Kubera ko turi abakomoka kuri Adamu, twavukiye muri izo ngorane. (Zaburi 51:5) Paulo yanditse ati: “Nk’ukw icaha cazanywe mw isi n’umuntu umwe, urupfu rukazanwa n’icaha, ni k’urupfu rushika ku bantu bose, kuko bose bākoze ivyaha.” (Abaroma 5:12) Mugabo rero ivyo ntibisobanura ko ata cizigiro c’ubukiriro dufise.

Ugukurwaho kw’Icaha n’Urupfu

4. Ni kuki abantu badashoboye kwikuriraho indwara n’urupfu?

4 Mbega vyosaba iki kugira ngo hakurweho icaha be n’ingaruka yaco, ari rwo rupfu? Birumvikana ko hakenewe ikintu gisumba ico umuntu uwo ari we wese ashoboye gutanga. Umwanditsi wa zaburi yacuze intimba ati: “Indishi yocungura ubuzima bw’umuntu ni nini kurenza. Ico [umuntu] yoriha nticokwigera kiba igikwiye comurinda ngo ntaje mu mva, ngo kimureke abeho ibihe vyose.” (Zaburi 49:8, 9, Today’s English Version) Ego niko, twoshobora kumbure kwongereza imyaka mikeyi ku buzima bwacu mu kwihereza ibintu bitunga amagara no mu kwivuza. Yamara rero nta n’umwe muri twebwe ashobora kudukiza ukuba turi abanyavyaha. Nta n’umwe muri twebwe ashobora guhindura ingaruka zituma umuntu aba goyigoyi uko aza arasaza, hanyuma ngo atume umubiri wacu usubira kuba uwutagira agasembwa nk’uko Imana yari yabigabiye ikiwurema. Paulo mu vy’ukuri ntiyariko ararenza urugero igihe yandika yuko kubera icaha ca Adamu, ikiremwa-muntu “[c]agezwe kuganzwa n’ibitagira ikimazi”—canke nk’uko Bibiliya yitwa La Bible de Jérusalem (mu Congereza) yahahinduye, “cagizwe ikidashoboye gushikira intumbero yaco.” (Abaroma 8:20) Mugabo rero duhiriwe duhishije, Umuremyi ntiyadutaye. Yaragize ivyo atunganije kugira ngo akureho icaha n’urupfu rimwe rizima. Ivyo azobigira gute?

5. Ivyagezwe vyahawe Abisirayeli vyagaragaza gute ko vyubahiriza ubutungane?

5 Yehova “akunda kugororoka n’imanza zibereye.” (Zaburi 33:5) Amategeko ngenderwako yahaye Abisirayeli aragaragaza ko yitwararika cane ukurimbanya ibintu no kugira ubutungane butagiramwo nkunzi. Nk’akarorero, muri ayo mategeko dusoma yuko ‘ubuzima bukwiye gutangirwa ubundi.’ Mu yandi majambo, mu gihe Umwisirayeli agandaguye umuntu kanaka, ubuzima bwiwe bwite bwobwirijwe gutangwa mu kibanza c’ubwo yakuyeho. (Kuvayo 21:23; Guharūra 35:21) Gutyo rero, umunzane w’ubutungane bw’Imana wobaye uringanijwe.—Gereranya na Kuvayo 21:30.

6. (a) Ni mu buryo ubuhe Adamu yashobora kwitwa umwicanyi? (b) Ni ubuzima nyabaki Adamu yatakaje, kandi ni inkuka nyabaki yokenewe kugira umunzane w’ubutungane uringanizwe?

6 Igihe Adamu yacumura, yacitse umwicanyi. Mu buryo ki? Mu buryo bw’uko ukuba ari umunyacaha yari kuvyandukiza abomukomotseko bose—gutyo bukabakwegera n’urupfu. Imibiri yacu n’ubu nyene iriko iratituka, ikaguma itera igana imva, bitewe n’ukugambarara kwa Adamu. (Zaburi 90:10) Icaha Adamu yakoze kirakwega mbere n’iyindi ngorane ikomeye gusumba iyo. Niwibuke yuko ico Adamu yitakarije agatako akagitakariza n’uruvyaro rwiwe kitari ubuzima busanzwe bumara imyaka nka 70 canke 80. Yatakaje ubuzima butagira agasembwa—vy’ukuri, yatakaje ubuzima budahera. Nimba rero ‘ubuzima bukwiye gutangirwa ubundi,’ ni ubuzima bwoko ki bwotanzwe kugira ngo ubutungane bushitswe muri ivyo? Birumvikana, bwobaye ari ubuzima bw’umuntu atagira agasembwa—ubuzima bworondotsemwo uruvyaro rw’abantu batagira agasembwa, nka bumwe bwa Adamu. Buramutse bushikirijwe bwa nkuka, ubuzima bw’umuntu atagira agasembwa ntibworinganije umunzane w’ubutungane vyonyene, ahubwo kandi bwotumye bishoboka ko icaha hamwe n’ingaruka yaco, ari yo rupfu, bikurwaho buhere.

Ugutanga Indishi y’Icaha

7. Tanga insobanuro y’ijambo “incungu.”

7 Indishi yasabwe kugira ngo ducungurwe tuve mu caha iravugwa muri Bibiliya ko ari “incungu.” (Zaburi 49:7) Mu kirundi iryo jambo rirashobora kwerekeza ku ndishi itangwa kugira ngo uwanyurujwe arekurwe. Birumvikana ko iyo ncungu Yehova yatanze atayitangiye abari banyurujwe bunyuruzwe, mugabo iciyumviro co gutanga indishi kiguma ari ca kindi. Kukaba nkako, inyubako y’irivuga ry’Igiheburayo ryahinduwemwo ijambo “incungu,” urudome ku rundi isobanura “gupfuka.” Kugira ngo iyo ncungu ihongere icaha, itegerezwa kuba ikwiranye neza n’ico vyitwa ko ipfuka—na co kikaba ari ubuzima bw’umuntu bwa Adamu butagira agasembwa.

8. (a) Dondora ingingo igenga ivy’ugucungura. (b) Iyo ngingo y’ivy’ugucungura itwerekeye gute twebwe abanyavyaha?

8 Ivyo birajanye n’ingingo dusanga mu Vyagezwe vya Musa—ya ngingo y’ivy’ugucungura. Igihe Umwisirayeli yaba yaguye mu ruzu hanyuma we ubwiwe akigurisha ku wutari Umwisirayeli ngo amubere umuja, umuntu w’incuti yarashobora kumucungura mu gutanga indishi ibonwa ko ihuye n’uwo muja. (Abalewi 25:47-49) Bibiliya ivuga yuko kubera ko twebwe turi abantu b’abanyagasembwa, turi “abagurano b’icaha.” (Abaroma 6:6; 7:14, 25) None vyosavye iki kugira ngo ducungurwe? Nk’uko tumaze kubibona, ugutakara kw’ubuzima bw’umuntu butagira agasembwa kwosavye ko harihwa ubuzima bw’umuntu butagira agasembwa—ata kindi kirenzeko, ata kigabanijweko.

9. Yehova yatunganije ibintu gute kugira ngo apfuke icaha?

9 Birumvikana, twebwe abantu tuvukana agasembwa. Nta n’umwe muri twebwe aringaniye na Adamu; eka nta n’umwe muri twebwe ashoboye kuriha igiciro c’incungu ubutungane busaba. Nk’uko twabivuze mu ntango, ni nk’aho twoba turwaye indwara ihanamiye ubuzima bwacu tukaba tudashoboye kuriha ukubagwa gushobora gutuma ikira. Mu gihe ibintu vyifashe ukwo, ntitwoshima none hagize umuntu atugarukira maze akariha ico giciro? Ico ni co nyene Yehova yagize! Hariho ico yatunganije kugira ngo aducungure mu vyaha rimwe rizima. Egome, arashaka kuduha ikintu tutokwigera twironsa twebwe ubwacu. Mu buryo ki? Paulo yanditse ati: “Ingabire y’Imana n’ubu[zima] budashira, bubonerwa muri Kristo Yesu Umwami wacu.” (Abaroma 6:23) Yohani yavuze ko Yezu ari “Umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’icaha c’abari mw isi.” (Yohana 1:29) Reka turabe ingene Yehova yakoresheje Umwana wiwe akunda cane kugira ngo arihe igiciro c’incungu.

‘Incungu Bikwiranye’

10. Ni mu buryo ubuhe ubuhanuzi bwerekeye ‘urubuto’ bwahavuye bushimika kuri Yozefu na Mariya?

10 Buno nyene inyuma ya bwa bugambarazi bwo muri Edeni, Yehova yaramenyesheje umugambi wiwe wo gutuma haba ‘urubuto,’ ari rwo ruvyaro, rwocunguye ubwoko-muntu bakava mu caha. (Itanguriro 3:15) Biciye ku vyagiye birahishurwa biva ku Mana, Yehova yaragenekereje umuryango wovyaye urwo rubuto. Haciye igihe, ivyo bintu vyahishurwa vyashimikiye kuri Yozefu na Mariya, umusore n’inkumi b’i Palestina bari bumvikanye kuzobana. Mu ndoto, Yozefu yabwiwe yuko Mariya yari yibungenze bivuye ku mpwemu yera. Nya mumarayika yavuze ati: “Azovyara umwana w’umuhungu, nawe uz’umwite Yesu, kukw ari we azokiza abantu biwe ivyaha vyabo.”—Matayo 1:20, 21.

11. (a) Yehova yatunganije gute ivy’uko Umwana wiwe avuka ari umuntu atagira agasembwa? (b) Ni kuki Yezu yari ashoboye gutanga ‘incungu ikwiranye?’

11 Habe namba, iyo ntiyari imbanyi isanzwe, kubera ko Yezu yari yarabayeho mw’ijuru imbere y’uko aba umuntu. (Imigani 8:22-31; Ab’i Kolosayi 1:15) Ubuzima bwiwe bwari bwimuriwe mu nda ya Mariya biciye ku bubasha bw’igitangaro bwa Yehova, bituma uwo Mwana w’Imana akundwa ashobora kuvuka ari umuntu. (Yohana 1:1-3, 14; Ab’i Filipi 2:6, 7) Yehova yarayoboye ibintu ku buryo Yezu atandukizwa icaha ca Adamu. Ahubwo nyabuna Yezu yavutse atagira agasembwa. Gutyo, yari afise ico Adamu yari yaratakaje, ni ukuvuga ubuzima bw’umuntu butagira agasembwa. Amaherezo, umuntu ashoboye kuriha indishi y’icaha yari abonetse! Kandi ico ni co nyene Yezu yagize ku wa 14 Nisani 33 G.C. Kuri uwo musi w’intibagirwa, Yezu yaremeye aragandagurwa n’abamurwanya, maze aba atanze ‘incungu ikwiranye.’—1 Timoteyo 2:6.

Agaciro k’Ubuzima bw’Umuntu Butagira Agasembwa

12. (a) Nudondore itandukaniro rihambaye riri hagati y’urupfu rwa Yezu n’urwa Adamu. (b) Yezu yacitse gute “Data wa twese ahoraho” ku bantu?

12 Hariho itandukaniro hagati y’urupfu rwa Yezu n’urupfu rwa Adamu—itandukaniro rishira ahabona agaciro k’iyo ncungu. Adamu urupfu rwiwe yari arukwiriye, kubera ko yagambarariye Umuremyi wiwe n’ibigirankana. (Itanguriro 2:16, 17) Yezu we urupfu rwiwe ntiyari arukwiriye na gato, kuko “we [a]ta caha yakoze.” (1 Petero 2:22) Uca wumva rero ko igihe Yezu yapfa, yari afise ikintu gifise agaciro kanini ntangere wa mucumuzi Adamu atari afise igihe yapfa, ni ukuvuga uburenganzira bwo gukura agasembwa mu buzima bw’umuntu. Gutyo rero, urupfu rwa Yezu rwari rufise agaciro k’inkuka. Igihe yaduga mw’ijuru ari umuntu w’impwemu, yarashikanye agaciro k’inkuka yiwe kwa Yehova. (Abaheburayo 9:24) Mu kugira gutyo, Yezu yari acunguye abantu banyavyaha hanyuma acika Se wabo mushasha, aba asubiriye Adamu. (1 Ab’i Korinto 15:45) Birakwiriye rero Yezu yitwa “Data wa twese ahoraho.” (Yesaya 9:6) Iyumvire ico ivyo bisobanura! Adamu, umuvyeyi w’umunyavyaha, yarandukije urupfu abamukomokako bose. Yezu, umuvyeyi atagira agasembwa, arakoresha agaciro k’inkuka yiwe kugira ngo ahe ubuzima bwamaho abantu bagamburuka.

13. (a) Tanga ikigereranirizo c’ukuntu Yezu yakuyeho umwenda wazanywe na Adamu. (b) Ni kuki inkuka ya Yezu idapfuka icaha c’abavyeyi bacu ba mbere?

13 Mbega none urupfu rw’umuntu umwe wenyene rwoshoboye gute gupfuka ivyaha vya benshi? (Matayo 20:28) Mu kiganiro kimwe ubu haciye imyaka mikeyi gisohowe, twaratangiye akarorero iyo ncungu muri ubu buryo: “Iyumvire ko hari ihinguriro rinini rikoresha abakozi amajana. Umukoresha w’iryo hinguriro w’umugunge ahombeje urwo rudandaza; iryo hinguriro rirugawe. Abakozi amajana baciye bashomera bagaca bananirwa kuriha ivyobabeshaho. Abo bubakanye, abana babo, eka n’ababaguranye bose barahaboneye kubera ubunyuruji bw’uwo mugabo umwe! Hanyuma haje umugiraneza yifise ariha iryo deni iryo shirahamwe rifise hanyuma yongera kuvyura nya hinguriro. Rya deni rimwe rihavuye rero, bica bitabara ba bakozi benshi, ingo zabo hamwe n’abari barabaguranye. Mugabo none wa mukoresha wa mbere yoza gutonda kuri ubwo butunzi bushasha? Ihibambewe. Ari mu munyororo kandi yama ari igishomeri! N’ihanagurwa rya rya deni rimwe rya Adamu rirazanira ivyiza abantu amamiliyoni bamukomotseko—ariko Adamu we ntarimwo.”

14, 15. Ni kuki Adamu na Eva bashobora kwitwa abacumuzi b’ibigirankana, kandi ni mu buryo ki ivyacu bitandukanye n’ivyabo?

14 Muri ivyo nta karenganyo karimwo. Uribuka ko Adamu na Eva bakoze icaha n’ibigirankana. Bahisemwo kugambararira Imana. Tweho tuvukira mu caha. Nta kundi turibugire. Eka naho twogerageza gute, ntidushobora kwirinda icaha buhere. (1 Yohana 1:8) Rimwe na rimwe twoshobora kwumva tumerewe nka kumwe kwa Paulo, uwanditse ati: “Naho ngomba gukora iciza, ikibi kibana nanje. Nnezererwa ivyagezwe n’Imana mu mutima wanje, ariko mbona ikindi kingera kiri mu mubiri wanje kirwanya ikingera co mu mutima wanje, kikamfatira mpiri kuganzwa n’ikingera kiri mu mubiri wanje, ikingera c’icaha. Ewe jewe ndagowe!”—Abaroma 7:21-24.

15 Yamara rero, kubera ya ncungu, turafise icizigiro! Nk’uko Imana yabisezeranye, Yezu ni we rubuto bizocako ngo “amahanga yose yo mw isi [yiheshe, NW] umugisha.” (Itanguriro 22:18; Abaroma 8:20) Inkuka Yezu yatanze irugurura inzira ihesha ivyiza vy’igitangaza abagaragaza ko bamwizeye. Reka turimbure bimwebimwe muri ivyo vyiza.

Turungukira ku Ncungu ya Kirisitu

16. Naho turi abanyavyaha, ni inyungu izihe ubu dushobora kwironkera bivuye ku ncungu ya Yezu?

16 Yakobo umwanditsi wa Bibiliya aremeza yuko “twese dutsitara muri vyinshi.” (Yakobo 3:2) Ariko rero bivuye ku ncungu ya Kirisitu, turashobora kubabarirwa amakosa yacu. Yohani yandika ati: “Ni hagira umuntu akora icaha, dufise Umwitsa kuri Data wa twese, ni Yesu Kristo umugororotsi, kand’uwo ni we mpongano y’ivyaha vyacu.” (1 Yohana 2:1, 2) Birumvikana ko tudakwiye kuregarega ku caha. (Yuda 4; gereranya na 1 Ab’i Korinto 9:27.) Ariko rero mu gihe dukoze ikosa, turashobora kurundumurira umutima wacu Yehova, twizigiye yuko ‘yiteguye kuduharira.’ (Zaburi 86:5; 130:3, 4; Yesaya 1:18; 55:7; Ivyakozwe 3:19) Gutyo rero iyo ncungu iratuma dushobora gukorera Imana dufise ijwi ryo mu mutima ritatwagiriza ikibi, kandi igatuma bidushobokera kwegera Imana mw’isengesho biciye mw’izina rya Yezu Kirisitu.—Yohana 14:13, 14; Abaheburayo 9:14.

17. Tubikesheje ya ncungu, ni imihezagiro iyihe dushobora kuzoronka muri kazoza?

17 Incungu ya Kirisitu irugurura inzira kugira ngo umugambi w’Imana uranguke: uw’uko abantu bagamburuka bobaho ibihe bidahera mw’Iparadizo kw’isi. (Zaburi 37:29) Paulo yanditse ati: “Ivy’Imana yasezeranye uko bingana, muri we [Yezu] ni ho Ego me riri.” (2 Ab’i Korinto 1:20) Ego niko, ‘urupfu rwagiye ku ngoma nk’umwami.’ (Abaroma 5:17) Iyo ncungu iratanga ishimikiro rituma Imana izorandura uwo “m[wansi] w’imperēra.” (1 Ab’i Korinto 15:26; Ivyahishuriwe 21:4) Incungu ya Yezu abapfuye na bo nyene barashobora kuyungukirako. Yezu yavuze ati: “Igihe kija kuza, ah’abari mu mva bose bazokwumvira ijwi ryiwe [rya Yezu], bakazivamwo.”—Yohana 5:28, 29; 1 Ab’i Korinto 15:20-22.

18. Icaha cakoreye abantu inabi iyihe y’agacamutima, kandi ivyo bizoshobora gute guhinduka gute mw’isi nshasha y’Imana?

18 Iyumvire ukuntu bizoba biteye akanyamuneza kwinovora ubuzima nk’uko vyari vyarategekanijwe—ubuzima butagiramwo ya maganya aturembeje muri iki gihe! Icaha nticatumye tudahuza n’Imana vyonyene, ariko kandi catumye tudahuza n’umuzirikanyi, umutima n’umubiri vyacu bwite. Ariko rero, Bibiliya isezerana yuko mw’isi nshasha y’Imana “uwaho [a]tazovuga, ati Ndarwaye.” Egome indwara zose z’umubiri n’izo mu muzirikanyi ntizizoba zigikubagura abantu. Kubera iki? Yesaya yishura ati: “Abantu bahaba bazoba bahariwe ukugabitanya kwabo.”—Yesaya 33:24.

Ya Ncungu Ni Uburyo bw’Uguserura Urukundo

19. Twebwe ubwacu dushobora gute kugaragaza ko dushima ya ncungu Kirisitu yatanga?

19 Urukundo rwatumye Yehova arungika Umwana wiwe akunda cane. (Abaroma 5:8; 1 Yohana 4:9) Yezu na we rero urukundo ni rwo rwatumye ‘ahonjereza urupfu umuntu wese.’ (Abaheburayo 2:9; Yohana 15:13) Birakwiye rero kuba Paulo yaranditse ati: “urukundo rwa Kristo ru[ra]tugōbēra . . . Icatumye apfira bose kwar’ukugira ngw abariho babeho batacinezereza, ariko babeho banezereza uwabapfiriye, akabazukira.” (2 Ab’i Korinto 5:14, 15) Nitwaba dushima ivyo Yezu yatugiriye, natwe tuzogira ico dukoze. Kanatsinda, iyo ncungu iratuma dukizwa urupfu! Birumvikana ko tutoshima kwerekana mu vyo dukora yuko agaciro k’inkuka ya Yezu tugafata nk’agasanzwe.—Abaheburayo 10:29.

20. Uburyo bumwebumwe dushobora gukurikiza “ijambo” rya Yezu ni ubuhe?

20 None dushobora gute kwerekana ko dushima iyo ncungu bimwe bivuye ku mutima? Hagisigaye igihe gitoyi ngo Yezu afatwe, yavuze ati: “Ni hagira ūnkunda, azokwitondera ijambo ryanje.” (Yohana 14:23) Mw’“ijambo” rya Yezu harimwo itegeko yatanze ry’uko tugira uruhara rurangwa umwete mu gushitsa iki gikorwa yadushinze ati: “Nuko ni mugende, muhindure a[bantu bo mu] mahanga yose abigishwa, mubabatiza.” (Matayo 28:19) Ukugamburukira Yezu bisaba kandi ko tugaragariza urukundo abo tuvukana mu vy’impwemu.—Yohana 13:34, 35.

21. Ni kubera iki dukwiye kwitaba ihimbazwa ry’Icibutso ryo ku wa 1 Ndamukiza?

21 Bumwe mu buryo bwiza buhebuje bwo kugararagaza yuko dushima ya ncungu, ni mu kuza ku Cibutso c’urupfu rwa Kirisitu, uyu mwaka kikaba kizogirwa ku wa 1 Ndamukiza.a Ivyo na vyone birimwo mw’“ijambo” rya Yezu, kuko igihe yashinga iryo himbaza, Yezu yategetse abayoboke biwe ati: “[Muragume mugira ivyo, NW] kugira ngo kibe icibutso canje.” (Luka 22:19) Mu gihe twitavye uwo musi uhambaye bimwe bidasanzwe kandi tukitwararika cane ivyo Kirisitu yategetse vyose, tuzoba twerekanye yuko twajijutse cane ko iyo ncungu ya Yezu ari bwo buryo Imana ikirizamwo. Vy’ukuri, “nta bukiriro buri mu wundi muntu n’umwe.”—Ivyakozwe 4:12, NW.

[Akajambo k’epfo]

a Uno mwaka, igenekerezo rya 1 Ndamukiza rihuye n’irya 14 Nisani ryo mu mwaka wa 33 G.C., umusi Yezu yapfiriyeko. Urabaza Ivyabona vya Yehova b’aho uba bakubwire umwanya n’ahantu ico Cibutso kizohimbarizwako.

Woshobora Kuvyibuka?

◻ Ni kuki abantu badashobora guhongera ubunyavyaha bwabo?

◻ Ni mu buryo ki Yezu ari ‘incungu ikwiranye’?

◻ Yezu yakoresheje gute ku neza yacu uburenganzira afise bwo gukura agasembwa mu buzima bw’abantu?

◻ Ni imihezagiro iyihe abantu baronka bivuye kuri ya ncungu ya Kirisitu?

[Ifoto ku rup. 9]

Umuntu atagira agasembwa—aringaniye na Adamu—ni we wenyene yari ashoboye kuringaniza umunzane w’ubutungane

[Ifoto ku rup. 10]

Kubera ko Yezu yari afise uburenganzira bwo gukura agasembwa ku buzima bw’umuntu, urupfu rwiwe rwari rufise agaciro k’inkuka

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika