Nube Maso Kandi Ushiruke Ubute!
“Nuko mwame mugavye kuko mutazi umusi cank’isaha.”—MATAYO 25:13.
1. Intumwa Yohani yari yiteze iki?
MU KIYAGO ca nyuma co muri Bibiliya, Yezu yasezeranye ati: “Ndaza vuba.” Intumwa yiwe Yohani yishuye ati: “Amen, urakaza, Mwami Yesu.” Iyo ntumwa ntiyakeka ko Yezu yoje. Yohani yari umwe muri za ntumwa zabaza Yezu ziti: “Ivyo bizoba ryari, kandi ikimenyetso kizoba iki c’ukuhaba kwawe [mu Kigiriki, pa·rou·siʹa] n’ic’insozero ry’urunkwekwe rw’ibintu?” Ni vyo, Yohani yari yiteze adakekeranya ukuhaba kwa Yezu kwo muri kazoza.—Ivyahishuriwe 22:20; Matayo 24:3, NW.
2. Ku vyerekeye ukuhaba kwa Yezu, mu madini ibintu vyifashe gute?
2 Ukudakeka mwene ukwo ni imbonekarimwe muri iyi misi turimwo. Amadini atari make arafise inyigisho yemera yerekeye “ukuza” kwa Yezu, mugabo bake gusa mu banywanyi bayo ni bo bakwiteze vy’ukuri. Ukuntu babaho kurabigaragaza. Igitabu kimwe, The Parousia in the New Testament, kivuga giti: “Ico cizigiro ca Parusiya ntigitunganya ikintu kinini mu buzima bw’idini, mu vyiyumviro no mu bikorwa vyaryo. . . . Ukuntu idini ryari rikwiye kwihutira kurangura ibikorwa biranga ukwihana n’ivy’ukwamamaza Injili kuriko kurahororoka, nikutaba kwaradorongeye buhere.” Ariko si kuri bose!
3. (a) Abakirisu b’ukuri bibaza iki ku vyerekeye pa·rou·siʹa? (b) Ubu dukwiye kurimbura canecane iki?
3 Abigishwa b’ukuri ba Yezu barindiranye umushasharo iherezo ry’uru runkwekwe rw’ibintu. Mu gihe turirindiriye tudahemuka, birakenewe ko tuguma tubona mu buryo bubereye ibintu vyose bijanye n’ukuhaba kwa Yezu kandi tugakora tuvyisunga. Ivyo bizotuma dushobora ‘kwihangana gushitsa kw’iherezo maze tugakizwa.’ (Matayo 24:13) Igihe Yezu yariko arashikiriza bwa buhanuzi dusanga muri Matayo ikigabane ca 24 n’ica 25, yaratanze impanuro iranga ubukerebutsi dushobora gukurikiza bikatuzanira inyungu ziramba. Ikigabane ca 25 kirimwo imigani kumbure woba uzi, irimwo umwe werekeye za nkumi cumi (iziciye ubwenge n’iz’ibijuju) be n’umugani w’italanto. (Matayo 25:1-30) Dushobora gute kwungukira kuri ivyo bigereranirizo?
Nube Maso, nka za Nkumi Zitanu!
4. Wa mugani w’inkumi usobanura iki?
4 Hari aho woshima gusubira gusoma wa mugani w’inkumi uri muri Matayo 25:1-13. Uwo mugani uvuga ivy’ubugeni buhambaye bw’Abayuda, aho umusore aja ku nzu kwa se w’umugeni, nya musore akamushorera gushika iwe (canke kwa se). Urugendo mwene urwo rushobora kuba rwarimwo n’abacuraranzi be n’abaririmvyi, kandi igihe boshikiyeko bagarutse nticari kizwi neza. Muri uwo mugani, inkumi cumi zararindiriye kugeza mw’ijoro yuko umukwe ashika. Batanu n’ubujuju n’akantu ntibitwaje amavuta y’itara ahagije, kikaba ari co gituma bategerezwa kuja kugura ayandi. Abandi batanu bagize ubukerebutsi bitwaza ayandi mavuta mu ducupa kugira ngo bikenewe bashobore kwongereza amavuta mu matara yabo mu gihe bakirindiriye. Igihe umukwe yashika abo batanu gusa ni bo bari bahari kandi biteguye. Ni co gituma ari bo bonyene bemerewe kwinjira muri uwo musi mukuru. Aho za nkumi zitanu z’ibijuju zigarukiye, hari hamaze kurengerana ko zinjira.
5. Ni Ivyanditswe ibihe bihishura insobanuro ngereranyo ya wa mugani w’inkumi?
5 Imice myinshi y’uyu mugani ishobora gutahurwa ko ari iy’ikigereranyo. Nk’akarorero, Ivyanditswe bivuga ko Yezu ari nk’umukwe. (Yohana 3:28-30) Yezu yisanishije n’umwana w’umwami yateguriwe umusi mukuru w’ubugeni. (Matayo 22:1-14) Kandi Bibiliya igereranya Kirisitu n’umunega. (Abanyefeso 5:23) Yamara rero naho Abakirisu basizwe badondorwa ahandi hantu nk’ “umugeni” wa Kirisitu, uwo mugani ntucishamwo ivy’umugeni. (Yohana 3:29; Ivyahishuriwe 19:7; 21:2, 9) Yamara uvuga ivyerekeye inkumi cumi, kandi ahandi hantu abasizwe bakaba basanishwa n’inkumi yasezeranywe kwabirwa na Kirisitu.—2 Ab’i Korinto 11:2.a
6. Yezu yahimirije iki igihe yasozera wa mugani w’inkumi?
6 Turetse ido n’ido ry’ivyo bintu be n’ikintu cose twobikuramwo mu vy’ubuhanuzi, hariho vy’ukuri ingingo nziza dushobora kwigira kuri uwo mugani. Nk’akarorero, urabona ko Yezu awusozera n’aya majambo ngo: “Nuko mwame mugavye kuko mutazi umusi cank’isaha.” Ni co gituma twovuga yuko uwo mugani werekana ko umwe wese muri twebwe akeneye kuba maso no kwama agavye ku vyerekeye iherezo riguma ryegereza ry’uru runkwekwe rubi. Iryo herezo nta mazinda ririko riraza, naho tudashobora kudoma urutoki kw’itariki. Muri ivyo, raba inyifato yagaragajwe na ya migwi ibiri y’inkumi.
7. Ni mu buryo ki batanu muri za nkumi zivugwa mu mugani bagaragaje ko ari ibijuju?
7 Yezu yavuze ati: “Batanu muri bo bār’ibijuju.” Kwoba kwari kubera ko batemera yuko umukwe agiye kuza? Boba bari basohotse kwinezerererwa? Canke boba bari bahenzwe? Nta namba. Yezu yavuze yuko abo batanu “[bagiye] gusanganira umukwe.” Bari bazi ko agiye kuza, kandi bashaka kuba bari muri ubwo “bukwe” eka no kubugiramwo uruhara. Yamara, boba bari biteguye bihagije? Baramurindiriye igihe kinaka, gushika “mu gicugu,” ariko ntibari bamwiteguriye aho yoshikiye hose, haba imbere canke inyuma y’igihe bari bamwitezeko.
8. Batanu muri za nkumi zivugwa mu mugani bagaragaje gute ko ari abanyabwenge?
8 Ba bandi batanu—abo Yezu yise abanyabwenge—na bo nyene basohokanye amatara acanye, biteze ugushika kw’umukwe. Na bo bategerezwa kurindira, mugabo bari “abanyabgenge.” Ijambo ry’Ikigiriki ryahinduwe ngo “abanyabgenge” rishobora guserura iciyumviro c’ukuba umuntu “yiyubara, akora ibiroranye, akoresha ubukerebutsi.” Abo batanu bagaragaje ko ari abanyabwenge mu kwitwaza uducupa turimwo ayandi mavuta yo kwongereza mu matara yabo mu gihe vyoba bikenewe. Nkako, bari bitwararitse cane kuguma biteguriye umukwe ku buryo batotanze amavuta yabo. Ntibari bihenze mu kuba maso, nk’uko bigaragazwa n’uko igihe umukwe yashika ari ho bari kandi bakaba bari biteguye bikwiye. Abari “biteguye binjirana na we mu bukwe, urugi rurugarwa.”
9, 10. Ni iciyumviro ikihe kiri muri wa mugani w’inkumi, kandi ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza?
9 Yezu ntiyariko arashikiriza abantu icigwa c’inyifato ibereye mu bukwe, eka ntiyariko aranatanga impanuro mu vy’ugusabikanya. Ico yashaka guserura ni iki: “Nuko mwame mugavye kuko mutazi umusi cank’isaha.” Niwibaze uti: ‘Noba vy’ukuri ndi maso ku bijanye n’ukuhaba kwa Yezu?’ Turemera yuko ubu Yezu aganza mw’ijuru, mugabo ni ku rugero rungana iki dushize umutima kuri kwa kuri kw’uko ‘Umwana w’umuntu agiye kuza mu bicu vyo kw ijuru ari n’ububasha n’ubwiza bwinshi’? (Matayo 24:30) “Mu gicugu” ugushika kwa nya mukwe gutegerezwa kuba kwari kwegereje kuruta igihe za nkumi zari zigisohoka kumusanganira. N’ugushika kw’Umwana w’umuntu aje gusangangura uru runkwekwe rubi na kwo nyene kuregereje kuruta igihe twatangura kwitega ukuza kwiwe. (Abaroma 13:11-14) Twoba twagumye turi maso, tukanarushiriza kuba maso uko ico igihe kiguma cegereza?
10 Kugira ngo dukurikize rya bwirizwa ryo ‘kwama tugavye,’ bisaba ko tuguma turi maso. Za nkumi zitanu zararetse amavuta yazo arakama, zibona kuja kugura ayandi. Umukirisu muri iki gihe arashobora nk’ukwo nyene gusamara ku buryo ataba yiteguriye bihagije kwa gushika kwa Yezu kuri hafi. Ivyo vyarashikiye Abakirisu bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere. Hari abo bishobora gushikira muri iki gihe. Reka rero twibaze duti: ‘Ivyo vyoba biriko biranshikira?’—1 Ab’i Tesalonike 5:6-8; Abaheburayo 2:1; 3:12; 12:3; Ivyahishuriwe 16:15.
Dushiruke Ubute Uko Umuhero Wegereza
11. Yezu yaciye aca umugani uwuhe, kandi wasa n’uwuhe?
11 Mu mugani ukurikira Yezu yaciye, ntiyahimirije gusa abayoboke biwe kuba maso. Amaze kuvuga ivya za nkumi z’ibijuju n’iziciye ubwenge, yaciye ashikiriza ca kigereranirizo c’italanto. (Soma muri Matayo 25:14-30.) Ico kigereranirizo kirasa mu mice myinshi na wa mugani yaca imbere yaho uvuga ivya mina, uwo Yezu yaciye kubera yuko benshi “biyumvira yuk’Ubgami bg’Imana bugira buboneke uwo mwanya.”—Luka 19:11-27.
12. Umugani w’italanto ufise insobanuro iyihe?
12 Muri uwo mugani w’italanto, Yezu yavuze ivyerekeye umugabo yahamagaje abashumba batatu imbere yo gufata urugendo rwa kure. Umwe yamusigaranye italanto zitanu, uwundi zibiri, uwa nyuma na we amusigarana imwe gusa—“uk’umuntu wese ashobora.” Bisa n’uko iyo talanto yari italanto y’ifeza, muri ico gihe ikaba yavunjwa amahera umukozi yoca mu myaka 14—urumva ko yari amahera menshi! Aho uwo mugabo agarukiye, yasavye ba bashumba gushikiriza ivyo baranguye muri ico “gihe kirekire” yamaze atahari. Abashumba babiri ba mbere bari bungutse ingerane y’ico bari basigiwe. Yavuze ati: “Wagize neza,” asezeranira umwe wese kumwongerereza amabanga, maze aca asozera ati: “injira mu munezero wa shobuja.” Umushumba yahawe italanto imwe we yitwaje ko shebuja asaba ibirenze urugero, ntiyakoresha nya talanto ngo yunguke. Yaranyegeje iryo hera, ntiyanariziganya ku bayacuruza ngo baze bamwungukire. Shebuja yamwise umuntu ‘mubi w’ikinebge’ kubera yuko yahombeje shebuja wiwe. Ivyo vyatumye yakwa ya talanto yongera atabwa hanze, “[aho yogiriye] amarira no kuryanya insya z’amenyo.”
13. Yezu yagaragaye gute ko ameze nka shebuja w’abashumba wo muri uwo mugani?
13 N’aha nyene, ido n’ido ry’ibi dushobora kubitahura mu buryo bw’ikigereranyo. Nk’akarorero, Yezu, uwugereranywa na wa mugabo yafashe urugendo rwa kure, yosize abigishwa biwe akaja mw’ijuru hanyuma akarindira igihe kirekire imbere y’uko ahabwa ububasha bw’Ubwami.b (Zaburi 110:1-4; Ivyakozwe 2:34-36; Abaroma 8:34; Abaheburayo 10:12, 13) Yamara no ngaha turashobora kubonamwo icigwa canke ingingo bihambaye twese dukwiye gushira mu ngiro mu buzima bwacu. Ico cigwa ni nyabaki?
14. Wa mugani w’italanto ushimika ku vy’uko dukeneye ikihe kintu c’ingirakamaro?
14 Icizigiro cacu caba ic’ubuzima budahwera mw’ijuru canke ic’ubuzima budahera kw’isi y’iparadizo, biragaragarira mu mugani wa Yezu ko dukwiye kwihata mu mirimo ya gikirisu. Nkako, ubutumwa buri muri uwo mugani bushobora gupfunyapfunywa mu majambo abiri: gushiruka ubute. Intumwa zaratanze akarorero kuva kuri Pentekote yo mu 33 G.C. no kubandanya. Dusoma duti: “[Petero] ashingisha intahe ayandi majambo menshi, arabahanūra, ati Ni mwikize ab’iki gihe kigoramye.” (Ivyakozwe 2:40-42) Kandi ese ukuntu utwigoro yagize twagize ingaruka nziza igitangaza! Uko abandi biyunga ku ntumwa muri ca gikorwa c’Abakirisu co kwamamaza inkuru nziza, na bo barashiruka ubute bigatuma inkuru nziza ‘ikwira mw’isi yose.’—Ab’i Kolosayi 1:3-6, 23; 1 Ab’i Korinto 3:5-9.
15. Ni mu buryo ubuhe budasanzwe dukwiye gushira mu ngiro iciyumviro nyamukuru co muri wa mugani w’italanto?
15 Nugumize mu muzirikanyi iciyumviro gikikije uyu mugani, na co ni ubuhanuzi bwerekeye ukuhaba kwa Yezu. Turafise ikimenyamenya gikwiye c’uko pa·rou·siʹa ya Yezu iriko irabandanya kandi ko vuba igiye gushika ku gihe c’agaheta. Niwibuke ukuntu Yezu yerekanye ko “umuhero” ufise ico usana na ca gikorwa Abakirisu bakwiye gukora. Yagize ati: “Ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw’isi yose, ngo bube ikimenyetso kiber[a] icabona amahanga yose, maz’umuhero uzoca uza.” (Matayo 24:14) Ivyo tubizirikanye, twoba tumeze nk’uwuhe mushumba? Niwibaze uti: ‘Hoba hariho ivyotuma mbona ko meze nka wa mushumba yanyegeza ico bari bamubikije, kumbure ariko yicurumbira mu bintu vyiwe bwite bimuraje ishinga? Canke vyoba bigaragara ko meze nka ba bandi baba beza bakaba n’abizigirwa? Noba niyemeje koko kwongereza inyungu za Databuja mu bihe vyose?’
Tube Maso Kandi Dushiruke Ubute mu Gihe c’Ukuhaba Kwiwe
16. Ya migani ibiri tuyazeko igufitiye ubuhe butumwa?
16 Ni vyo, turetse insobanuro ngereranyo ikaba kandi menyeshakazoza y’iyo migani ibiri, iradushikiriza indemesho zitomoye zivuye mu kanwa ka Yezu ubwiwe. Ubutumwa bwiwe ni ubu: Nimube maso; mushiruke ubute, canecane nimwabona ikimenyetso ca pa·rou·siʹa ya Kirisitu. Ni ubu tukibona. None twoba vy’ukuri turi maso kandi dushirutse ubute?
17, 18. Umwigishwa Yakobo yahanuye iki ku vyerekeye ukuhaba kwa Yezu?
17 Mwenenyina wa Yezu Yakobo ntiyari ku Musozi wa Elayono ngo yumve ubuhanuzi bwa Yezu; mugabo mu nyuma yarabubwiwe, kandi bigaragara yuko yatahuye ico buvuze. Yanditse ati: “Nuko bene Data, mwihangane mushitse ah’Umwami Yesu azozira. Eh’umurimyi arorēra imirima myiza, ayirīndīra yihanganye, gushitsa ah’azoronkera imvura y’agatāsi n’iy’urushana. Nuko namwe mwihangane, mureme mu mitima, kuk’ukuza kw’Umwami kuri hafi.”—Yakobo 5:7, 8, ni twe duhiritse izo ndome.
18 Yakobo amaze kwemeza yuko Imana izocira urubanza rubi abakoresha nabi amatungo yabo, yahimirije Abakirisu kudata ukwihangana mu gihe barindiriye ko Yehova agira ico akoze. Umukirisu atihangana ashobora gucika umwihozi, bigasa nk’aho umengo we ubwiwe ni we ategerezwa kugorora amakosa yakozwe. Ariko ivyo si ko bikwiye kugenda, kubera yuko igihe c’urubanza kizoshika ata kabuza. Nk’uko Yakobo yabisiguye, akarorero k’umurimyi karerekana ivyo bintu.
19. Umurimyi w’Umwisirayeli yashobora kugaragaza ukwihangana bwoko ki?
19 Umurimyi w’Umwisirayeli yaba yateye imbuto yategerezwa kubanza kurindira ko ivyo biterwa bimera, hanyuma akarindira ko vyera, amaherezo agaca asarura. (Luka 8:5-8; Yohana 4:35) Muri ayo mezi, haraba igihe c’amaganya n’ibintu kumbure vyayatera. Barashobora nko kwibaza bati: Imvura y’agatasi yoba izogwa kandi ikaba ikwiye? Iy’urushana yo bite? Udukoko canke isegenya vyoba bizokwonona ibiterwa? (Gereranya na Yoweli 1:4; 2:23-25.) Yamara muri rusangi umurimyi w’Umwisirayeli yarashobora kwizigira Yehova hamwe n’urukurikirane rw’ibihe yashinze. (Gusubira mu Vyagezwe 11:14; Yeremiya 5:24) Ukwihangana kw’uwo murimyi gushobora vy’ukuri kuba kwamusaba kwitega ibintu afise ivyizigiro. Yaba yizeye azi yuko ico arindiriye coshitse. Kandi vy’ukuri coshitse!
20. Dushobora gute kugaragaza ukwihangana mu buryo bujanye n’impanuro Yakobo yatanze?
20 Naho umurimyi yashobora kumenya igihe iyimbura rizoberako, Abakirisu bo mu kinjana ca mbere ntiboshoboye guharura igihe ukuhaba kwa Yezu kwobereyeko. Ariko kwari kuza ata kabuza. Yakobo yanditse ati: “Uku[haba] [mu Kigiriki, pa·rou·siʹa] kw’Umwami kuri hafi.” Igihe Yakobo yandika ayo majambo, ca kimenyetso kiboneka hose canke gishika kw’isi yose cerekeye ukuhaba kwa Kirisitu nticaribwagaragare. Mugabo muri iki gihe kiragaragara! None muri iki kiringo dukwiye kwiyumva gute? Ca kimenyetso koko si agaseseshwarumuri. Turakibona. Turashobora kuvuga tutihenze duti: ‘Ndabona ca kimenyetso kiriko kiraranguka.’ Turashobora kuvuga tudakeka duti: ‘Ukuhaba kw’Umwami kurashitse, kandi agihe cakwo c’agaheta kiri hafi.’
21. Ni igiki twiyemeje gukora uko vyogenda kwose?
21 Kubera ko ivyo ari ukwo vyifashe, turafise imvo inakomeye bidasanzwe ituma dushira ku mutima no mu ngiro ivyigwa nyamukuru dukura muri ya migani ibiri Yezu yaca tuyazeko. Yavuze ati: “Nuko mwame mugavye kuko mutazi umusi cank’isaha.” (Matayo 25:13) Nta woharira ngo ubu si co gihe c’uko tuba abanyamwete mu murimo wacu wa gikirisu. Nimuze twerekane mu buzima bwacu bwa misi yose ko dutahura ico Yezu yashatse guserura. Nitube maso! Nidushiruke ubute!
[Utujambo tw’epfo]
a Ku vyerekeye ido n’ido ry’ico uwo mugani ugereranya, raba igitabu Le Royaume millénaire de Dieu s’est approché, urupapuro rw’169-211, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
b Raba igitabu Le Royaume millénaire de Dieu s’est approché, urupapuro rw’212-256.
Woba Uvyibuka?
◻ Ni ubutumwa nyamukuru ubuhe ukuye kuri wa mugani w’inkumi z’ibijuju hamwe n’izindi z’ubwenge?
◻ Biciye kuri wa mugani w’italanto, ni impanuro nyamukuru iyihe Yezu ariko araguha?
◻ Ni mu buryo ki ukwihangana kwawe ku vyerekeye pa·rou·siʹa gusa na kwa kwihangana kw’umurimyi w’Umwisirayeli?
◻ Ni kuki iki ari igihe ciza kandi kitoroshe bimwe bidasanzwe?
[Amafoto ku rup. 31]
Ni ivyigwa ibihe ukuye muri wa mugani w’inkumi na wa wundi w’italanto?