ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w99 1/8 rup. 26-31
  • Nidutere Iteka Abandi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nidutere Iteka Abandi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Yehova Aratera Iteka Abantu
  • Yezu Yarateye Iteka Abandi
  • Paulo Yaratera Iteka Abandi
  • Ugutera Iteka Abandi mu Gihe Cacu
  • Gutera Iteka Yehova
  • Nutere iteka ababibereye
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Woba uba uwa mbere mu vyo gutera iteka abo musangiye ukwemera?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Woba uri uwa mbere mu gutera iteka abandi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Nimuze Twese Dutere Iteka Yehova n’Umwana Wiwe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
w99 1/8 rup. 26-31

Nidutere Iteka Abandi

“[Mu vy’uguterana iteka], umuntu wese ashire imbere mugenzi we.”—ABAROMA 12:10.

1, 2. (a) Dukwiye kumenyera gukora iki kugira ngo tugaragaze ukwifata ruto? (b) Kenshi Bibiliya ikoresha gute ijambo “iteka,” kandi ni ba nde basanga vyoroshe gutera abandi iteka?

IKIGANIRO giheze cashimitse kuri iyi mpanuro yo mw’Ijambo ry’Imana: “Mwese mukenyere ukwicisha bugufi . . . kukw Imana irwanya abībona, arikw abicisha bugufi ikabaha ubuntu.” (1 Petero 5:5) Uburyo bumwe dufise bwo gukenyera ukwicisha bugufi ni mu kugira akamenyero ko kugaragaza ko dutera iteka abandi.

2 Ijambo “iteka” kenshi rikoreshwa muri Bibiliya kugira ngo ryerekane kwubaha abandi, kubaha agaciro, n’ukubitaho. Dutera iteka abandi mu kubagaragariza ubuntu, agateka kabo tukakubahiriza, tukumviriza iryo bagona, tukama tugabirije gushitsa ivyo badusavye bitegereka. Abicisha bugufi mu bisanzwe bazobona ko ivyo bitagoye. Ariko rero, abafise ubwibone mu mutima kumbure bobona ko gutera iteka abandi vy’ukuri ari amananiza, kandi aho kubigira boshobora kugerageza kwitonesha no kuronka ubukuru biciye ku kuryosharyosha kurimwo uburyarya.

Yehova Aratera Iteka Abantu

3, 4. Yehova yateye iteka Aburahamu gute, kandi kubera iki?

3 Yehova ubwiwe aratanga akarorero mu vy’ugutera iteka. Yaremye abantu bafise uburenganzira bwo kwihitiramwo kandi ntabafata nk’imashini gusa. (1 Petero 2:16) Nk’akarorero, igihe yabwira Aburahamu yuko Sodomu hategerezwa gusangangurwa kubera ububi bw’agahomerabunwa bwari buhatse indaro, Aburahamu yabajije ati: “Mbega none worandurana abagororotsi n’abanyavyaha? Kumbure mur’ico gisagara hobamw’abagororotsi mirongwitanu: none wokirandura ntugitunge, kandi kirimw’abagororotsi mirongwitanu?” Yehova yishuye avuga yuko yotunze ico gisagara ku bw’abo bagororotsi 50. Maze Aburahamu yarabandanije gutakamba yicishije bugufi. Vyogenda gute mu gihe hoba hariyo 45 gusa? 40? 30? 20? 10? Yehova yaremereye Aburahamu yuko atohoneje Sodomu haramutse habonetseyo abantu b’abagororotsi cumi gusa.—Itanguriro 18:20-33.

4 Yehova yari azi ko ata bantu b’abagororotsi cumi bari i Sodomu, yamara yarateye iteka Aburahamu mu gutega yompi iciyumviro ciwe hanyuma amugaragariza icubahiro. Uti kubera iki? Kubera ko Aburahamu “yizera Uhoraho, Uhoraho abimuharūrako nk’ukugororoka.” Aburahamu yiswe “umukunzi w’Imana.” (Itanguriro 15:6; Yakobo 2:23) Si ivyo gusa, Yehova yari yabonye ko Aburahamu atera iteka abandi. Ca gihe haduka amatati yerekeye akarere hagati y’abungere biwe n’ab’umuhungwabo Loti, Aburahamu yarateye iteka Loti mu kumubwira ngo abe ari we abanza guhitamwo akarere yipfuza. Loti yitoreye igihugu yabona ko kirushirije kuba ciza, Aburahamu na we yimukira ahandi.—Itanguriro 13:5-11.

5. Yehova yateye iteka Loti gute?

5 Yehova nk’ukwo nyene yarateye iteka umugororotsi Loti. Imbere y’uko Sodomu hasangangurwa, abwira Loti guhungira mu karere ko mu misozi. Ariko rero, Loti yavuze ko adashaka kujayo; yashimye kuja i Sowari mu micungararo yaho, naho nyene ico gisagara cari mu karere gategerezwa gusangangurwa. Yehova yabwiye Loti ati: “Ndakwemereye no ku co uvuze ico, kutarandura igisagara uvuze.” Yehova yarateye iteka umwizigirwa Loti mu gukora ico asavye.—Itanguriro 19:15-22; 2 Petero 2:6-9.

6. Yehova yateye iteka Musa gute?

6 Igihe Yehova yarungika Musa ngo asubire mu Misiri kugira ngo arongore abasavyi b’Imana bave mu buja yongere abwire Farawo ivy’ukureka abasavyi biwe bakigira, Musa yasubijeyo ati: “Mwami, mbega ko ntar’imvuzi.” Yehova yarakuye amazinda Musa, amubwira ati: “Nanje nzobana n’akanwa kawe, nkwigishe ivyo ukwiye kuvuga.” Mugabo Musa yagumye agonanwa. Ku bw’ico Yehova yarasubiriye gukura amazinda Musa hanyuma atunganya ivy’uko amurungikana na mwenewabo Aroni, akamubera umuvugizi.—Kuvayo 4:10-16.

7. Ni kuki Yehova yemeye n’umutima ukunze gutera iteka abandi?

7 Muri ivyo bihe vyose, Yehova yarerekanye ko afise umutima ukunze wo gutera iteka abandi, canecane abamukorera. Naho nyene ivyo basaba vyashobora kuba bitandukanye n’umugambi Yehova yari afise mu ntango, yaritwararitse ivyo basaba kandi aragira ivyo abarekuriye bugingo ivyo bitaba binyuranye n’umugambi wiwe.

Yezu Yarateye Iteka Abandi

8. Yezu yateye iteka gute umugore yari arwaye cane?

8 Yezu yariganye Yehova mu vy’ugutera iteka abandi. Igihe kimwe mw’ishengero ry’abantu, harimwo umugore yari asinzikajwe n’ubutinyanka bw’urudaca mu kiringo c’imyaka 12. Abaganga bari barananiwe kumuvura. Munsi y’Ivyagezwe vya Musa, babona ko ahumanye kandi ntiyari akwiye kuhahonyoza ikirenge. Yarashitse inyuma ya Yezu, akora ku mutamana wiwe, hanyuma arakizwa. Yezu ntiyahagaze ku Vyagezwe urudome ku rundi, ngo amukankamire kubera ivyo yari akoze. Ahubwo riho, kubera ko yari azi uko ibintu vyifashe, yaramuteye iteka avuga ati: “Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije, genda amahoro, ukire rwose icago cawe.”—Mariko 5:25-34; Abalewi 15:25-27.

9. Yezu yateye iteka Umunyamahangakazi gute?

9 Ikindi gihe, hari umugore w’Umunyafoniyike yabwiye Yezu ati: “Ngirira imbabazi se Mugenzi, Mwana wa Dawidi: umukobga wanje afashwe nabi na dayimoni.” Kubera ko yari azi yuko yarungitswe kw’ihanga rya Isirayeli atarungitswe ku Banyamahanga, Yezu yasubijeyo ati: “Si vyiza kwābīra umutsima w’abana [b’Abisirayeli] ukawuterera utubga [Abanyamahanga].” Nya mugore yishuye ati: “Nka ko, Mugenzi, kuk’utubga na two twīrīra utuvunguka dukorokera musi y’ameza ya ba nyene two.” Niho Yezu yavuga ati: “Ukwizera kwawe ni kwinshi nyina wanje: bikubere nk’uk’ugomba.” Umukobwa wiwe yaciye akira. Yezu yarateye iteka uwo Munyamahangakazi kubera ukwizera yari afise. Eka mbere no mu gukoresha ijambo “utubga,” aho kuvuga ibibwa vyo mw’ishamba, yaroroheje ibintu hanyuma aba agaragaje imbabazi ziwe.—Matayo 15:21-28.

10. Ni icigwa ikihe gihambaye cane Yezu yigishije abigishwa biwe, kandi ni kuki cari gikenewe?

10 Yezu yagumye yigisha abigishwa biwe ivy’ukuntu bikenewe ko baba abifata ruto kandi bagatera iteka abandi, kubera ko bari bagifise ingorane yo kwishira imbere. Igihe kimwe inyuma y’aho bagiriye ibihari, Yezu yabajije ati: “Mwāhārīra ibiki?” Bagumye banumye, kubera ko “bāhārīra umukuru [muri bo] uw’ari we.” (Mariko 9:33, 34) Mbere no mw’ijoro rya buca Yezu apfa, “ha[ravyutse kandi] impāri muri bo, z’uwo bagereranyako kw ar’umukuru uw’ari we.” (Luka 22:24) Ni co gituma mu gihe c’ingaburo ya Pasika, Yezu “[yasutse] amazi mu mubehe, atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa.” Ese ukuntu cari icigwa gikomeye cane! Yezu yari Umwana w’Imana, ari munsi ya Yehova wenyene mu vyaremwe vyose. Yamara, yarigishije abagishwa biwe icigwa giteye iteka, mu kwoza ibirenge vyabo. Yavuze ati: “Mbahaye akarorero, kugira ngo nk’uko jewe mbagiriye, abe ari ko namwe mugira.”—Yohana 13:5-15.

Paulo Yaratera Iteka Abandi

11, 12. Paulo amaze kuba Umukirisu yize iki, kandi yashize mu ngiro gute ico cigwa mu bijanye na Filemoni?

11 Kubera ko yigana Kirisitu, intumwa Paulo yaratera iteka abandi. (1 Ab’i Korinto 11:1) Yavuze ati: “Ntitwarondera icubahiro co ku bantu, . . . Ariko twaritonda hagati muri mwebge, nk’uk’umurezi abungabunga abana biwe.” (1 Ab’i Tesalonike 2:6, 7) Umuvyeyi aritwararika utwana twiwe. Paulo amaze kuba Umukirisu, yarize kwifata ruto kandi agatera iteka Abakirisu bagenziwe mu kubafatana ubuntu. Mu kugira gutyo, yarubahiriza kandi uburenganzira bafise bwo kwihitiramwo, nk’uko vyagaragajwe n’ivyashitse igihe yari mu munyororo i Roma.

12 Umugurano yari yaratorotse yitwa Onesimo yarateze yompi inyigisho ya Paulo. Yaracitse Umukirisu araba n’umugenzi wa Paulo. Shebuja wa nya mugurano yari Filemoni, na we nyene akaba yari Umukirisu, yaba muri Aziya Ntoyi. Mw’ikete yandikiye Filemoni, Paulo yanditse avuga ukuntu Onesimo yari ngirakamaro kuri we, mu kuvuga ati: “Mba ndamugumije kugira ngw ankorere.” Yamara, Paulo yararungitse Onesimo amusubiza kwa Filemoni, kubera ko yanditse ati: “Nta co ngomba gukora ntakugishije inama, kugira ngw iciza ukora ntikibe ic’ugōberewe, arik’ugikore ubikunze.” Paulo ntiyafatiye ku vy’uko ari intumwa, ariko yarateye iteka Filemoni mu kudasaba ko agumana Onesimo i Roma. Bitayeko, Paulo yaringinze Filemoni gutera iteka Onesimo, amufate ‘nk’uwuruta umugurano, nk’umuvukanyi akundwa.’—Filemoni 13-16.

Ugutera Iteka Abandi mu Gihe Cacu

13. Mu Baroma 12:10 hatubwira gukora iki?

13 Ijambo ry’Imana ritanga iyi mpanuro: “[Mu gutera iteka], umuntu wese ashire imbere mugenzi we.” (Abaroma 12:10) Ivyo bisobanura ko tudakwiye kurindira ko abandi babanza kudutera iteka, mugabo dukwiye gutangura. “Ntihagire umuntu ababara ivyiwe, arikw ababare ivya mugenzi we.” (1 Ab’i Korinto 10:24; 1 Petero 3:8, 9) Ni co gituma abasavyi ba Yehova barondera uturyo two gutera iteka abo mu rugo, Abakirisu bagenzi babo mw’ishengero, hamwe mbere n’abo hanze y’ishengero.

14. Umunega n’umugore wiwe bagaragaza gute ko baterana iteka?

14 Bibiliya ivuga iti: “Umutwe w’umugabo wese [n]i Kristo, kandi [u]mutwe w’umugore [ni] umugabo.” (1 Ab’i Korinto 11:3) Yehova ategeka umugabo gufata umugore wiwe nk’uko Kirisitu yafata ishengero. Muri 1 Petero 3:7, umugabo asabwa ko ‘atera iteka [umugore wiwe] nk’imbombovu idahwanije na we inkomezi.’ Ivyo ashobora kubishira mu ngiro mu kugaragaza ko ashaka vy’ukuri kwumviriza umugore wiwe no mu kutirengagiza inama amugiriye. (Itanguriro 21:12) Ashobora kwemera ivyo ashaka mu gihe ata ngingo vyoba birenze, kandi akamufasha vyongeye akamugaragariza ubuntu. “Umugore na we ni yubahe [“cane,” NW] umugabo wiwe.” (Abanyefeso 5:33) Umugore arumviriza umugabo, ntiyama aharanira ko ibintu bigenda uko ashaka, ntamufatira mu rwara canke ngo yame arondera kumutora amahinyu. Umugore yifata ruto mu kutagerageza kuganza umugabo wiwe, n’igihe mbere hoba hari ubuhanga bumwebumwe arusha umugabo wiwe.

15. Abageze mu zabukuru bokwitabwaho gute, kandi bakwiye kuvyakira gute?

15 Mw’ishengero rya gikirisu, hariho abakwiriye canecane guterwa iteka, nk’abageze mu zabukuru. “Umuntu wese muri mwebge az’avire hasi ūmaze kuyenzura imvi, yubahe umutāma [canke, umutamakazi].” (Abalewi 19:32) Ivyo ni uko bimeze canecane ku bakoreye Yehova ari abizigirwa mu myaka myinshi kubera “imvi ku mutwe [ari] igitsibo c’icubahiro, [iyo] kiboneka mu nzira y’ubugororotsi.” (Imigani 16:31) Abacungezi bakwiye gutanga akarorero mu kwubaha bimwe bibereye Abakirisu bagenzi babo babasumba. Mugabo ntiwumve, abageze mu zabukuru na bo nyene barakwiye kugaragariza inyifato iranga icubahiro abakiri bato, canecane abafise ibanga ryo kuragira umukuku.—1 Petero 5:2, 3.

16. Abavyeyi n’abana baterana iteka gute?

16 Urwaruka rukwiye gutera iteka abavyeyi babo: “Bana, mwumvire abavyeyi banyu mu Mwami wacu: kukw ivyo ari vyo bigororotse. Wubahe so na nyoko: ico ni co cagezwe ca mbere kirimw’isezerano, kugira ng’uronke amahoro, urambire kw isi.” Abavyeyi na bo baratera iteka ibibondo vyabo, kubera ko babwirwa ‘kutaratsa abana babo ariko babarere, babahana babahanūra, uko Yehova agomba.’—Abanyefeso 6:1-4; Kuvayo 20:12.

17. Ni ba nde bakwiriye ‘guterwa iteka kabiri’?

17 Abandi dukwiye gutera iteka ni abo bakora bagatama bariko bakorera ishengero: “Abakurambere barangura neza ibanga ryabo barakwiye [guterwa iteka] kabiri, cane-cane abiruhisha mu gushikiriza ijambo ry’Imana no mu kwigisha.” (1 Timote 5:17, UB) Uburyo bumwe dushobora kubatera iryo teka ni mu gukora ico mu Baheburayo 13:17 havuga: “Mwumvire ababaganza, mubagamburukire.”

18. Dukwiye gukorera iki abari hanze y’ishengero?

18 Twoba dukwiye gutera iteka abatari mw’ishengero? Egome. Nk’akarorero, tubwirizwa ngo: “Umuntu wese n’agamburukire abamuganza.” (Abaroma 13:1) Abo ni abategetsi b’isi Yehova areka bakaganza gushika Ubwami bwiwe bubasubiriye. (Daniyeli 2:44) Nuko rero, ‘turaha bose ivyo bakwiye: abahabwa ikori tukabaha ikori; ababuguza tukababugurira; abo gutinywa tukabatinya; abo guterwa iteka tukabatera iteka.’ (Abaroma 13:7) Dukwiye ‘gutera iteka abagabo [canke, abagore] bose.’—1 Petero 2:17.

19. Dushobora gute ‘gukorera ivyiza’ abandi tukongera tukabatera iteka?

19 Naho ari ivy’ukuri ko dukwiye gutera iteka abo hanze y’ishengero, raba ico Ijambo ry’Imana rishimikako. Rigira riti: “Iyo turonse uburyo, tugirire bose neza, cane-cane ab’inzu y’abizera.” (Ab’i Galatiya 6:10) Birumvikana, uburyo bwiza kuruta dushobora ‘gukorera neza’ abandi ni mu kubatsimbatazamwo ivy’uko bakeneye ivy’impwemu, no mu kubibaronsa. (Matayo 5:3) Ivyo dushobora kubigira mu kwumvira ico intumwa Paulo atwibutsa: “Wame ugira umwete wo kwiha Imana nk’uwamaze kurama, umukozi atarinda gutētērwa, aramiriza neza mw ijambo ry’ukuri.” Mu gihe dukoresha ubugenge uturyo twose tubonetse kugira ngo dushinge intahe, ‘tugashitsa neza igikorwa c’ibango ryacu,’ ntituba turiko turakorera ivyiza bose gusa, ariko kandi tuba turiko turabatera iteka.—2 Timoteyo 2:15; 4:5.

Gutera Iteka Yehova

20. Farawo hamwe n’ingabo ziwe bashikiwe n’ibiki, kandi kubera iki?

20 Yehova aratera iteka ibiremwa vyiwe. Birumvikana rero ko dukwiye na twe kurimutera. (Imigani 3:9; Ivyahishuriwe 4:11) Ijambo rya Yehova kandi rivuga riti: ‘Abantera iteka ni bo nzotera iteka, arikw abankēngēra bazokēngērwa.’ (1 Samweli 2:30) Igihe Farawo wo mu Misiri yabarirwa kurekura abasavyi b’Imana ngo bigire, yishuranye ubwishime ati: “Uhoraho [“Yehova,” NW] ni nde, ngo ndamwumvire”? (Kuvayo 5:2) Igihe Farawo yarungika ingabo ziwe ngo zije kurandura Abisirayeli, Yehova yaraciyemwo kubiri amazi y’Ikiyaga Gitukura ku bw’Abisirayeli. Mugabo igihe Abanyamisiri bakurikira, Yehova yaratumye ayo mazi asubira mu kibanza cayo. “Imikogote ya Farawo n’ingabo ziwe [Yehova] yabinuze mu kiyaga.” (Kuvayo 14:26-28; 15:4) Nuko rero Farawo yaranse n’ubwibone bwinshi gutera iteka Yehova, bimushikana mu mahonero.—Zaburi 136:15.

21. Ni kuki Yehova yarwanije Belushaza, kandi vyavuyemwo iki?

21 Umwami Belushaza w’i Babiloni yaranse gutera iteka Yehova. Mu gihe c’umusi mukuru urangwa n’akaborerwe, yaracokoye Yehova mu kunywera umuvinyu mu nzavya zeranda z’izahabu n’iz’ifeza zari zakuwe mu rusengero rw’i Yeruzalemu. Kandi igihe yariko agira ivyo, yarashemeje imana ziwe z’igipagani. Mugabo umusavyi wa Yehova Daniyeli yamubwiye ati: “Ntiwicishije bugufi mu mitima wawe . . . Ariko winantaje ku Mwami Nyen’ijuru.” Muri iryo joro nyene Belushaza yaragandaguwe, hanyuma ubwami bwiwe bukurwa mu maboko yiwe.—Daniyeli 5:22-31.

22. (a) Ni kuki uburake bwa Yehova bwaje ku ndongozi za Isirayeli hamwe no ku banyagihugu babo? (b) Ni ba nde Yehova yatonesheje, kandi vyavuyemwo iki?

22 Mu kinjana ca mbere G.C., Umwami Herodi yariko arashikiriza ijambo abanyagihugu, hanyuma basemerera n’ijwi rirenga bati: “N’ijwi ry’imana, s’iry’umuntu.” Uwo mwami w’imburakimazi ntiyabihakanye, ahubwo yishakira kuninahazwa. Ku bw’ico, “umumarayika w’Umwami Imana aramukubita, kukw adahaye Imana Rurema icubahiro.” (Ivyakozwe 12:21-23) Herodi yariteye iteka, ntiyaritera Yehova, araheza arakubitwa arasandaba. Abakuru b’amadini bo muri ico gihe barasuzuguye Imana mu kuja inama yo kugandagura Umwana wayo, Yezu. Hari abategetsi bari bazi ko Yezu yigisha ukuri ariko ntibashobore kumukurikira, “kuko bākunda icubahiro c’abantu kukirutisha icubahiro c’Imana.” (Yohana 11:47-53; 12:42, 43) Iryo hanga turifatiye hamwe ntiryateye iteka Yehova canke Icariho ciwe cagenywe, ari we Yezu. Ico vyavuyemwo ni uko Yehova atabandanije kubatera iteka, arabaheba bo n’urusengero rwabo birasangangurwa. Ariko yararokoye abamutera iteka bakaritera n’Umwana wiwe.—Matayo 23:38; Luka 21:20-22.

23. Dukwiye gukora iki kugira ngo tuzobe mw’isi nshasha y’Imana? (Zaburi 37:9-11; Matayo 5:5)

23 Abantu bose bashaka kuba mw’isi nshasha y’Imana ivy’iyi si nivyamara gusangangurwa bakwiye gutera iteka Imana n’Umwana wayo, Kirisitu Yezu, kandi bakabagamburukira. (Yohana 5:22, 23; Ab’i Filipi 2:9-11) Abatabatera iryo teka “bazokomborwa m[w’isi].” Ku rundi ruhande, abagororotsi batera iteka Imana hamwe na Kirisitu kandi bakabagamburukira “[ni bo] bazokwībēra m[w’isi].”—Imigani 2:21, 22.

Isubiramwo

◻ Gutera iteka abandi bisobanura iki, kandi Yehova ivyo yabigize gute?

◻ Yezu na Paulo bateye iteka abandi gute?

◻ Ni ba nde bakwiye guterwa iteka muri iki gihe cacu?

◻ Ni kuki dukwiye gutera iteka Yehova na Yezu?

[Ifoto ku rup. 27]

Yehova yarateye iteka Aburahamu mu kutirengagiza ugutakamba kwiwe

[Ifoto ku rup. 28]

Mu ngo zitunganirwa, abanega n’abakenyezi baraterana iteka

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika