Yehova Arategura Inzira
“Ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa.”—MATAYO 24:14.
1. Ni igiki caranguwe n’umurimo wo kwamamaza inkuru nziza mu kinjana ca mbere no mu ca 20?
KUBERA ko Yehova ari Imana y’urukundo, agomba ko “abantu b’uburyo bwose bakwiye gukizwa kandi bagashika ku kugira ubumenyi nyakuri bw’ukuri.” (1 Timoteyo 2:4, NW) Ivyo vyasavye ko mu bihugu vyose haba isekeza ryo kwamamaza inkuru nziza no kwigisha. Mu kinjana ca mbere, ukwo kwamamaza inkuru nziza kwatumye ishengero rya gikirisu riba “[i]nkingi ishigikiye ukuri.” (1 Timoteyo 3:15) Mu nyuma haje igihe kirekire c’ubuhakanyi aho umuco w’ukuri wahwamye. Mu bihe vya vuba, mu “gihe c’iherezo,” “ubumenyi nyakuri” (NW) bwarasubiriye kugwira, butuma abantu amamiliyoni bagira icizigiro gishingiye kuri Bibiliya c’ubukiriro bw’ibihe bidahera.—Daniyeli 12:4.
2. Ni igiki Yehova yakoze mu bijanye n’umurimo wo kwamamaza inkuru nziza?
2 Naho nyene Shetani agira utwigoro tudatezura kugira ngo arwanye umugambi w’Imana, wa murimo wo kwamamaza inkuru nziza mu kijana ca mbere n’ica 20 waratunganiwe bimwe bitangaje. Ivyo bituma umuntu yibuka bwa buhanuzi bwa Yesaya. Ku vyerekeye ugutahuka i Buyuda kw’Abayuda b’inyagano mu kinjana ca gatandatu B.G.C., Yesaya yanditse ati: “Umwonga wose uzokwuzuzwa, n’umusozi wose n’akarambi bizoringanizwa; ahār’udutumba hazotega, uduhogoro ducike ikiyaya.” (Yesaya 40:4) Yehova yarateguye kandi araca inzira ku bw’amasekeza akomakomeye y’ukwamamaza inkuru nziza mu kinjana ca mbere no mu ca 20.
3. Ni mu buryo ubuhe Yehova ashoboye kurangura imigambi yiwe?
3 Ivyo ntibisobanura ko Yehova ubwiwe ayobora akantu kose kaba kw’isi kugira ngo ateze imbere ukwamamaza inkuru nziza; eka mbere ivyo ntibisobanura ko Yehova agaragaza ubushobozi bwiwe bwo kubona ibintu imbere y’igihe kugira ngo amenye ido n’ido ry’akantu kose koba kagiye kuba. Ico tutobura kuvuga coco ni uko ashoboye kubona imbere y’igihe ibintu bizoba muri kazoza no kubihindura. (Yesaya 46:9-11) Mugabo ntiwumve, arashobora kandi kugira ico agize ku biba, uko bigenda bishika. Yehova ayobora abasavyi biwe nka kurya kw’umwungere abimenyereye amenya ukuntu arongora be n’ukuntu akingira umukuku wiwe. Yehova abayobora ku bukiriro, akabakingira ngo bagume bakomeye mu vy’impwemu kandi akabashiramwo ugushaka kuronkera ivyiza ku bihe n’ibintu biba bituma ukwamamaza inkuru nziza kw’isi yose gutunganirwa.—Zaburi 23:1-4.
Ni Igikorwa Kitoroshe
4, 5. Ni kubera ki ukwamamaza inkuru nziza cabaye igikorwa kitoroshe?
4 Nk’uko kwa kwubaka ubwato mu misi ya Nowa kwari kumeze, igikorwa co kwamamaza Ubwami cabaye iporoje nini—mu kinjana ca mbere no mu bihe vya none. Igikorwa co gushikira abantu bose kugira ngo bashikirizwe ubutumwa ubwo ari bwo bwose usanga kigoye cane, ariko ico gikorwa coco cari kirushirije. Mu kinjana ca mbere ugereranije, abigishwa bari inkehwa. Imboneza yabo Yezu yari yaragandaguwe yagirizwa ngo ni umugumutsi. Idini y’Abayuda yari yarashinze imizi. Urusengero rw’akaroruhore rwari ruhagaze i Yeruzalemu. Amadini y’abatari Abayuda yari mu karere ko ku nkengera ya Mediteranée na yo nyene yari yarashinze imizi, akaba yari afise insengero be n’abaherezi. Muri ubwo buryo nyene, aho “igihe c’iherezo” gitanguriye mu 1914 Abakirisu basizwe bari inkehwa, kandi abanywanyi b’ayandi madini birarira ngo bakorera Imana bari benshi.—Daniyeli 12:9.
5 Yezu yari yaraburiye abayoboke biwe ko bohamwe. Yavuze ati: “Bazobatanga ngo muzigirizwe, bazobica, kandi muzokwankwa n’amahanga yose, abahōra izina ryanje.” (Matayo 24:9) Icari gusongera isibe, na canecane mu “misi y’iherezo,” ni uko Abakirisu bobaye bari mu “bihe bigoye.” (2 Timoteyo 3:1) Ca gikorwa co kwamamaza inkuru nziza casavye utwigoro twinshi kandi nticoroha bitumwe n’ukuntu ari kinini cane, uruhamo rutabura, be n’ibihe bigoye. Ukwizera gukomeye kwari gukenewe.
6. Yehova yari yakuye amazinda gute abasavyi biwe ko bazotunganirwa?
6 Naho Yehova yari azi ko hobaye imbangamyi, yari azi kandi ko ata kintu na kimwe cohagaritse ico gikorwa. Ugutunganirwa kwari kwaravuzwe imbere y’igihe mu buhanuzi buzwi cane bwarangutse bimwe vyibonekeje mu kinjana ca mbere no mu ca 20. Bugira buti: “Ubu butumwa bgiza bg’ubgwami buzovugwa mw isi yose.”—Matayo 24:14, ni twe tubihiritse.
7. Mu kinjana ca mbere, umurimo wo kwamamaza inkuru nziza wari washitse he?
7 Buzuye ukwizera n’impwemu yera, abasavyi b’Imana bo mu kinjana ca mbere baragiye mu vy’ukurangura ibanga bajejwe. Kubera ko Yehova yagaragaje ko ari kumwe na bo, baratunganiwe cane kuruta uko boba bari bavyiteze. Igihe Paulo yandikira Abakolosayi Yezu amaze nk’imyaka 27 apfuye, yarashoboye kuvuga yuko inkuru nziza yari “[yara]vuzwe mu bāremwe bose bo musi y’ijuru.” (Ab’i Kolosayi 1:23) Tugereranije, mu mpera y’iki kinjana ca 20, inkuru nziza iriko iramamazwa mu bihugu 233.
8. Benshi bakiriye inkuru nziza bari mu bintu bimeze gute? Tange uturorero.
8 Abantu amamiliyoni barakiriye inkuru nziza muri iyi myaka mirongo ya vuba. Benshi bayakiriye bari mu bihe bigoye—mu biringo vy’intambara, ukubuzwa, be n’uruhamo rukaze. Ivyo ni ko vyari biri no mu kinjana ca mbere. Igihe kimwe Paulo na Sila barakubiswe inkoni bunyamaswa hanyuma batabwa mw’ibohero. Mbega ukuntu cari igihe bisa n’ibidashoboka guhindura abantu abigishwa! Yamara, Yehova yarakoresheje uko ivyo bintu vyari vyifashe kugira ngo nyene bibe. Paulo na Sila bararekuwe, kandi wa murinzi w’ibohero kumwe n’umuryango wiwe bacitse abizera. (Ivyakozwe 16:19-33) Ivyo bintu vyabaye birerekana ko inkuru nziza idashobora guhagarikwa n’abayirwanya. (Yesaya 54:17) Naho ari ukwo, inkuru y’ivyabaye yerekeye Ubukirisu ntiyabaye iy’ivyago n’iy’uruhamo bitavanako. Ubu nimuze turabe ibintu vyiza vyagiye biraba bigafasha guca inzira kugira ngo ukwamamaza inkuru nziza gutunganirwe mu kinjana ca mbere no mu ca 20.
Ukuntu Ivy’Amadini Vyifashe
9, 10. Yehova yatumye gute abantu bitega iyamamazwa ry’inkuru nziza mu kinjana ca mbere no mu ca 20?
9 Rimbura igihe amasekeza y’ukwamamaza inkuru nziza yobereyeko. Nk’uko vyari bimeze mu kinjana ca mbere, bwa buhanuzi bwerekeye amayinga 70 y’imyaka, ubwo dusanga muri Daniyeli 9:24-27, bwaradomye urutoke ku mwaka Mesiya yategerezwa guserukiramwo, ni kuvuga umwaka wa 29 G.C. Naho Abayuda bo mu kinjana ca mbere batatahuye igihe nyaco ivyo bintu vyobereyeko, bari bavyiteze, barindiriye Mesiya. (Luka 3:15) Igitabu Manuel Biblique kiri mu Gifaransa kivuga giti: “Abantu bari bazi yuko ya mayinga mirongo indwi y’imyaka yashinzwe na Daniyeli yari agiye kurangira; nta n’umwe yatangaye kwumva Yohani Umubatizi amenyesha yuko ubwami bw’Imana buri hafi.”
10 Twovuga iki ku kuntu ibintu vyari bimeze mu bihe vya none? Urabona, ikintu cabaye gihambaye cane kwari ukwimikwa kwa Yezu mw’ijuru, kukaba kwabaye intango y’ukuhaba kwiwe mu bubasha bw’Ubwami. Ubuhanuzi bwa Bibiliya bwerekana yuko ivyo vyabaye mu 1914. (Daniyeli 4:13-17) Uguhanga amaso ico kintu kwatumye kandi abantu bamwebamwe bijukiye ivy’idini muri ibi bihe vya none bavyitega cane. Ukuvyitega kwaribonekeje kandi mu Batohoji ba Bibiliya b’inziraburyarya, abatanguye gusohora iki kinyamakuru mu 1879 citwa Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni n’Integuza y’Ukuhaba kwa Kirisitu (mu Congereza). Gutyo, mu kinjana ca mbere no mu bihe vya none, ukwitega ibintu mu madini kwarateguriye ikibanza ukwamamaza inkuru nziza.a
11. Ni imishinge iyihe yari ihari kugira iterere agacumu k’ubumwe mw’iyamamazwa ry’inkuru nziza?
11 Ikindi kintu caterereye agacumu k’ubumwe mu murimo w’Abakirisu muri ivyo biringo vyompi ni uko abantu benshi bari bamenyereye Ivyanditswe Vyeranda. Mu kinjana ca mbere, ibibano vy’Abayuda vyari bisabagije mu bihugu vy’Abanyamahanga vyari bibakikuje. Ivyo bibano vyari bifise amasinagogi aho abantu bakoranira badahengeshanya kugira ngo bumvirize Ivyanditswe bisomwa bikongera bikaganirwako. Gutyo, Abakirisu bo hambere bari bashoboye kwubakira ku bumenyi bw’ivy’idini abantu bari basanganywe. (Ivyakozwe 8:28-36; 17:1, 2) Mu ntango z’iki kinjana cacu, abasavyi ba Yehova barashikiwe n’ibintu nk’ivyo mu bihugu vyinshi. Bibiliya yari ikwiragiye hose mu karere k’Abitwa Abakirisu, na canecane mu bihugu vy’Abaporotisanti. Yarasomwa mu masengero menshi; abantu amamiliyoni bari bayitunze. Bibiliya yari imaze gushika mu minwe y’abantu, ariko bari bakeneye imfashanyo kugira ngo bategere ico kintu bari batunze.
Ivyiza vy’Amategeko
12. Mu kinjana ca mbere, amategeko y’Abaroma yakunda kuba uburinzi gute?
12 Ukwamamaza inkuru nziza kw’Abakirisu kenshi kwaratoreye akoyoko ku mategeko y’intwaro. Inganji y’Abaroma ni yo yatwara isi yo mu kinjana ca mbere, kandi amategeko yanditse yayo yari afise akosho gakomeye mu buzima bwa misi yose. Ayo mategeko yarakingira abantu, kandi Abakirisu bo hambere barungukiye kuri yo. Nk’akarorero, ukwitura amategeko ya Roma kwa Paulo kwatumye abohorwa agakurwa mw’ibohero kandi bituma adakubitwa. (Ivyakozwe 16:37-39; 22:25, 29) Kwerekeza ivyiyumviro ku mategeko yashinzwe n’Abaroma vyarafashije guhwamika isinzi ry’abantu bari barakaye bo muri Efeso. (Ivyakozwe 19:35-41) Igihe kimwe, Paulo yararokowe akurwa mu bukazi i Yeruzalemu kubera ko yari afise ubwenegihugu bw’Abaroma. (Ivyakozwe 23:27) Mu nyuma, amategeko y’Abaroma yatumye ashobora kurwanira ukwizera ukwiwe akoresheje amategeko imbere ya Kayisari. (Ivyakozwe 25:11) Naho nyene ba Kayisari batari bake batwaza umukazo, mu kinjana ca mbere amategeko kenshi yaratuma bishoboka “kurwanira no gutsimbataza inkuru nziza hishimikijwe amategeko.”—Ab’i Filipi 1:7, NW.
13. Igikorwa co kwamamaza inkuru nziza kenshi cungukiye gute ku mategeko?
13 Ivyo nyene ni uko biri mu bihugu vyinshi muri iki gihe. Naho hariho “ab[ogira amategeko] urwitwazo rwo kugira nabi,” amategeko yanditswe mu bihugu vyinshi avuga ko kwihitiramwo idini ari uburenganzira bw’ishimikiro. (Zaburi 94:20) Kubera yuko intwaro nyinshi zizi neza ko Ivyabona vya Yehova badatera umudurumbanyo mu kibano, zararetse turemerwa n’amategeko. Muri Reta Zunze Ubumwe, ahacapuriwe ibintu vyinshi vy’Ivyabona, amategeko bagenderako yaratumye bishoboka ko ikinyamakuru c’Umunara w’Inderetsi gisohorwa ubudahengeshanya mu myaka 120 kandi kigasomwa kw’isi yose.
Ibiringo vy’Amahoro n’Ivy’Ukwubahiriza Ivyiyumviro vy’Abandi
14, 15. Agahengwe ko mu kibano kazaniye ivyiza gute umurimo wo kwamamaza inkuru nziza mu kinjana ca mbere?
14 Umurimo wo kwamamaza inkuru nziza na wo nyene wararonkeye ivyiza mu bihe vy’agahengwe. Naho nyene Yezu yavuze imbere y’igihe ata kwihenda yuko muri ivyo biringo turiko turavuga ‘ihanga ryoteye irindi hanga,’ haracamwo ibihe vy’agahengwe bigatuma bishoboka ko Ubwami bwamamazwa bimwe bikomeye. (Matayo 24:7) Abakirisu bo mu kinjana ca mbere babayeho mu gihe ca Pax Romana, ni ukuvuga igihe c’Amahoro y’Abaroma. Hari umutohozakahise umwe yanditse ati: “Roma yari yaratsinze rwose abantu bo mu karere ka Mediteranée ku buryo yabarangirije ivy’ukwama mu ntambara.” Uwo mutekano warahaye Abakirisu bo hambere akaryo ko gufata ingendo ata nkomanzi mu karere kose katwarwa n’Abaroma.
15 Inganji y’Abaroma yaritaye ku rutare kugira ngo abantu iganza bunge ubumwe. Iyo politike ntiyatumye gusa abantu bijukira gufata ingendo, kwubahiriza ivyiyumviro vy’abandi hamwe n’uguhanahana ivyiyumviro, mugabo yaremesheje kandi iciyumviro c’uko abantu bo mu mahanga yose ari abavukanyi. Igitabu kimwe, On the Road to Civilization, kivuga giti: “Ubumwe bw’Inganji [y’Abaroma] bwatumye indimiro [y’ukwamamaza inkuru nziza kw’Abakirisu] iba nziza cane. Imbibe z’ibihugu zarakuweho. Umunyagihugu w’Umuroma yari umunyagihugu w’isi. . . . Bitayeko, idini ryigisha yuko abantu bose ari bene mugabumwe ryarashobora gutahurwa muri iyo leta yari yaratsimbataje iciyumviro c’uko abantu bose ari benegihugu.”—Gereranya na Ivyakozwe 10:34, 35; 1 Petero 2:17.
16, 17. Ni ibiki vyatumye haba utwigoro two kuremesha amahoro mu bihe vya none, kandi abantu benshi bashitse ku kihe ciyumviro?
16 Twovuga iki ku gihe cacu? Ikinjana ca 20 carabonye intambara zatikije inganda kuruta izabaye zose mu nkuru y’ivyabaye, kandi intambara zibera mu turere tunaka zirabandanya kubica bigacika mu bihugu bimwebimwe. (Ivyahishuriwe 6:4) Yamara, harabaye kandi ibiringo vy’agahengwe. Vya bihugu vya rutura vyo mw’isi bimaze imyaka irenga 50 bitararwana iyindi ntambara simusiga. Ivyo vyarafashije cane mu vy’ukwamamaza inkuru nziza muri ivyo bihugu.
17 Ibintu vy’agacamutima vyabaye mu ntambara zo mu kinjana ca 20, vyatumye abantu benshi bemera icese yuko intwaro y’isi yose ikenewe. Ugutinya intambara y’isi yose vyatumye hashingwa Umuhari w’Amahanga be n’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU. (Ivyahishuriwe 13:14) Vyamamajwe ko ayo mashirahamwe yompi yari afise umugambi wo gutsimbataza ugufashanya kw’ibihugu be no kuremesha amahoro kw’isi yose. Abantu batahura ko ivyo bikenewe kenshi barakira neza inkuru nziza yerekeye intwaro iganza isi izozana amahoro nyakuri kandi aramba—na bwo bukaba ari Ubwami bw’Imana.
18. Ni inyifato iyihe ku vyerekeye amadini yorohereje umurimo wo kwamamaza inkuru nziza?
18 Naho rimwe na rimwe Abakirisu bahamwe bunyamaswa, mu kinjana ca mbere no mu ca 20 harabaye ibihe vy’ukudahora umuntu idini. (Yohana 15:20; Ivyakozwe 9:31) Abaroma ntivyabagoye kwemera no gukurikiza ivy’imana be n’imanakazi z’abantu bari baratsinze. Umwigisha Rodney Stark yanditse ati: “Roma yaratanga mu mice myinshi urugero ruhambaye kuruta rw’umwidegemvyo w’ivy’ugusenga rutasubiriye kuboneka gushika inyuma ya kwa Guhindura Ibintu kw’Abanyamerika.” Muri ibi bihe vya none, abantu bo mu bihugu vyinshi bararushirije kugira umutima wo kwakira ivyiyumviro bivuye ahandi, ivyo bituma bashaka gutega yompi ubutumwa bwo muri Bibiliya Ivyabona vya Yehova babazanira.
Uruhara Ubuhinga Bwagize
19. Abakirisu bo hambere bakoresheje gute ca gitabu codex?
19 Mu kurangiza, rimbura ukuntu Yehova yashoboje abasavyi biwe kwungukira kw’iterambere mu vy’ubuhinga. Naho Abakirisu bo hambere batabaye mu kiringo c’iterambere ryihuta mu vy’ubuhinga, iterambere rimwe bikozeko koko cari ca gitabu candikishijwe iminwe citwa codex, kikaba cari kimeze nk’igitabu kigizwe n’impapuro. Ico gitabu casubiriye ca kizingo wasanga kigoye itwara kubera uburemere. Igitabu The Birth of the Codex (Inkomoko y’Igitabu Codex), kivuga giti: “Mu buryo butandukanye n’ukuntu ico gitabu codex kitihuse gusubirira ibizingo mu vyandikano bitari ivy’idini, bisa n’uko Abakirisu bo iyo bava bakagera batatebaganye kugikoresha.” Ico gitabu kivuga kandi giti: “Mu kinjana ca kabiri ahantu hose Abakirisu barakoresha ico gitabu codex, ku buryo gitegerezwa kuba catanguye gukoreshwa imbere cane y’umwaka w’100 G.C.” Ico gitabu cari coroshe gukoresha kuruta ikizingo. Ivyanditswe umuntu yabitora ningoga kuruta. Nta mazinda ko ivyo vyafashije Abakirisu bo hambere nka Paulo, kudasigura Ivyanditswe gusa, ariko kandi no ‘kwerekana aho [ibintu baba bariko barigisha] vyanditswe.’—Ivyakozwe 17:2, 3, NW.
20. Abasavyi b’Imana bakoresheje gute ubuhinga bwa none mu bijanye na wa murimo wo kwamamaza inkuru nziza ukorerwa kw’isi yose, kandi kubera iki?
20 Muri iki kinjana cacu, iterambere mu vy’ubuhinga ryabaye igitangaza. Amamashini yo gucapura anyarutsa cane yarafashije mu gutuma bishoboka ko ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya bisohorerwa icarimwe mu ndimi mirongo. Ubuhinga bwa none bwaranyarukije igikorwa co guhindura Bibiliya mu zindi ndimi. Ibikamyo, amagarimoshi, amato, be n’indege biratuma ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya birungikwa bidatevye hirya no hino kw’isi. Telefone hamwe n’icuma citwa fax [soma: fagisi] vyatumye uguhanahana amakuru ata n’akanya kahaciye bitaba umugani. Akoresheje impwemu yiwe, Yehova yaratumye abasavyi biwe bakoresha ubuhinga nk’ubwo kugira ngo bateze imbere ikwiragizwa ry’inkuru nziza kw’isi yose. Ntibariko bakoresha iryo terambere bafise icipfuzo co kumenya no gukoresha ikintu cose kigezweko muri iyi si. Ahubwo riho, ikintu kibaraje ishinga ubwa mbere ni ikizobafasha kurangura ibanga ribega ryo kwamamaza inkuru nziza mu buryo burushirije kuba kirumara.
21. Dushobora kwizigira iki?
21 Yezu yavuze imbere y’igihe ati: “Ubu butumwa bgiza bg’ubgwami buzovugwa mw isi yose.” (Matayo 24:14) Nk’uko nyene Abakirisu bo hambere biboneye iranguka ry’ubwo buhanuzi, muri iki gihe turaribona ku rugero runini. Naho ico gikorwa ari kinini kandi kikaba kigoye, inkuru nziza yaramamajwe, kandi iriko iramamazwa mu bihe bigoye n’ibitagoye, mu bihe amategeko n’inyifato bihindagurika, mu ntambara no mu mahoro be no hagati y’ubwoko bwose bw’iterambere mu vy’ubuhinga. None ivyo ntibitumye ugira akoba ukubitije agatima ku bukerebutsi hamwe n’ububasha butangaje Yehova afise bwo kubona ibintu imbere yuko biba? Turashobora kwemera tudakeka yuko igikorwa co kwamamaza inkuru nziza kizorangira ku gihe Yehova yashinze, n’uko umugambi wiwe uranga urukundo uzoranguka ngo ube umuhezagiro ku bagororotsi. Bazoba kw’isi kandi bayibeko ibihe bidahera. (Zaburi 37:29; Habakuki 2:3) Turamutse duhuje ubuzima bwacu n’umugambi wa Yehova, tuzoba muri bo.—1 Timoteyo 4:16.
[Akajambo k’epfo]
a Niwaba ushaka ido n’ido ry’insobanuro z’ubwo buhanuzi bubiri bwerekeye Mesiya, raba igitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budashira, urupapuro rwa 36, 97, na 98-107, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
Ibintu vyo Gusubiramwo
◻ Ni kuki ukwamamaza inkuru nziza kwabaye igikorwa kitoroshe?
◻ Ni mu buryo ki igikorwa c’Abakirisu cakuye ivyiza ku vyatunganijwe n’intwaro hamwe n’agahengwe ko mu kibano?
◻ Ukuntu Yehova ahezagira igikorwa c’ukwamamaza inkuru nziza bidukura amazinda ko muri kazoza hazoba iki?