Turakeneye Ishirahamwe rya Yehova
WOBA urigera wumva umuntu avuga ati: “Ndemera Imana ariko sinemera idini”? Ivyiyumviro nk’ivyo kenshi biraserurwa n’abantu bahoranye ishaka ryo kuja gusenga mugabo bakaba barahebujwe n’ukuntu idini ryabo rinanirwa kubaronsa ivyo bakeneye mu vy’impwemu. Naho benshi bataronse ico bari biteze ku mashirahamwe y’ivy’idini muri rusangi, barashimangira ivy’uko bagishaka gusenga Imana. Ariko rero, baremera yuko ari vyiza kuruta kuyisenga mu buryo bwabo bwite aho kuyisenga bifatanije n’isengero kanaka canke irindi shirahamwe.
Bibiliya yoba ivuga iki? Imana yoba ishaka ko Abakirisu bifatanya n’ishirahamwe kanaka?
Abakirisu ba Mbere Barungukiye ku vy’Ukuba Bari Bungunganijwe
Kuri Pentekote yo mu 33 G.C., Yehova ntiyasutse impwemu yiwe yera ku bemera bakeyi bari ukwabo, ariko yayisutse ku mugwi w’abagabo n’abagore bari bakoraniye “ahantu hamwe” ni ukuvuga, mu cumba co hejuru mu gisagara ca Yeruzalemu. (Ivyakozwe 2:1) Muri ico gihe, ishengero ry’Abakirisu, iryahavuye riba ishirahamwe rikwiye kw’isi yose, ryari rishinzwe. Ivyo vyaragaragaye ko ari umuhezagiro nyawo kuri abo bigishwa ba mbere. Uti kuki? Ico tutobura kuvuga ni uko bashinzwe igikorwa gihambaye, ca kindi co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana, icotevye kigakwira ‘kw’isi yose ibako abantu.’ (Matayo 24:14) Mw’ishengero, abaherutse gukebanuka barashobora kwigira kuri bagenzi babo basangiye ukwizera bazi utuntu n’utundi, ukuntu borangura umurimo wo kwamamaza inkuru nziza.
Bidatevye, ubutumwa bw’Ubwami bwarakwiragiye burarenga kure n’iyo impome za Yeruzalemu. Hagati yo mu 62 no mu 64 G.C., intumwa Petero yarandikiye ikete ryiwe rya mbere Abakirisu bari “inyambukira zo mu bāsanzariye i Ponto n’i Galatiya n’i Kapadokiya no muri Asiya n’i Bituniya,” aho hose akaba ari muri Turikiya yo mu gihe ca none. (1 Petero 1:1) Vyongeye, hari abemera bari i Palesitina, i Lebanoni, i Siriya, i Kupuro, mu Bugiriki, i Kerete, no mu Butaliyano. Igihe Paulo yandikira Abanyakolosayi hagati yo mu 60 na 61 G.C., inkuru nziza yari “[yara]vuzwe mu bāremwe bose bo musi y’ijuru.”—Ab’i Kolosayi 1:23.
Iciza kigira kabiri cava mu kwifatanya n’ishirahamwe ni indemesho Abakirisu bashobora guhanahana. Mu kwifatanya n’ishengero, Abakirisu barashobora kwumva insiguro zishwangamura, bakigira hamwe Ivyanditswe Vyeranda, bakaganira ivyabaye bikomeza ukwizera kandi bakifatanya n’abo basangiye ukwemera mw’isengesho. (1 Ab’i Korinto, ikigabane ca 14) Vyongeye, abagabo baciye uruma “[bararagira] ubusho bg’Imana.”—1 Petero 5:2.
Kubera ko bari mu bagize ishengero, Abakirisu kandi barashika aho bamenyana bakongera bagakundana. Aho kwumva ko baremerejwe n’ukwifatanya n’ishengero, Abakirisu ba mbere barubakwa bakongera bagakomezwa na ryo.—Ivyakozwe 2:42; 14:27; 1 Ab’i Korinto 14:26; Ab’i Kolosayi 4:15, 16.
Iyindi mvo yatuma ishengero canke ishirahamwe ryunze ubumwe kandi rikwiye kw’isi yose rikenerwa kwari ukugira ngo haremeshwe ubumwe. Abakirisu barize kuba “imvugarimwe.” (1 Ab’i Korinto 1:10) Ivyo vyari ngirakamaro cane. Abagize ishengero bari bahawe inyigisho zitandukanye kandi bakurira mu mico itandukanye. Bavuga indimi zitandukanye kandi bakagira kamere bigaragara ko zitandukanye. (Ivyakozwe 2:1-11) Rimwe na rimwe, vyarashika ko batabona na gato ibintu mu buryo bumwe. Ariko rero, Abakirisu barafashwa gutorera umuti ukutumvikana mwene ukwo guserutse mw’ishengero.—Ivyakozwe 15:1, 2; Ab’i Filipi 4:2, 3.
Ibibazo bikomakomeye bitashobora gutorerwa umuti n’abakurambere b’aho, vyarashikirizwa abacungezi b’ingenzi, nka Paulo. Ibibazo bihambaye cane vyerekeye inyigisho vyashikirizwa inama nyobozi nkuru yari i Yeruzalemu. Inama nyobozi ubwa mbere na mbere yari igizwe n’intumwa za Yezu Kirisitu mugabo mu nyuma yaraguwe ishirwamwo n’abagabo b’inararibonye b’ishengero ry’i Yeruzalemu. Ishengero ryose ryaremera icese ubukuru inama nyobozi n’abaserukizi bayo bahawe n’Imana bwo gutunganya ubusuku, ugushinga abagabo amabanga y’umurimo, hamwe no gufata ingingo zijanye n’ibibazo vy’inyigisho. Igihe inama nyobozi yatorera umuti ikibazo kimwe, amashengero yaremeye ingingo yafashwe kandi ‘baranezerejwe n’iyo ndemesho.’—Ivyakozwe 15:1, 2, 28, 30, 31.
Ego cane, Yehova yarakoresheje ishirahamwe mu kinjana ca mbere. Mugabo twovuga iki none ku vyerekeye iki gihe?
Turakeneye Ishirahamwe Muri Iki Gihe
Nka kumwe kwa bagenzi babo bo mu kinjana ca mbere, Ivyabona vya Yehova muri iki gihe barafatana uburemere igikorwa bashinzwe co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami. Uburyo bumwe bakoresha mu kurangura uwo murimo ni mu gukwiragiza Amabibiliya hamwe n’ibitabo bifasha kwiga Bibiliya, ivyo na vyo bikaba bisaba ko habaho ishirahamwe.
Ibisohokayandikiro vy’Abakirisu mu buryo bwitondewe bitegerezwa gutegurwa, gusuzumwa ko bitarimwo amakosa, gucapurwa, hanyuma maze bikarungikirwa amashengero. Umukirisu umwumwe na we agategerezwa kwitanga avyishakiye kugira ashire ivyo bisohokayandikiro abashaka kubisoma. Muri ubwo buryo, ubutumwa bw’Ubwami bwarashikiriye abantu amamiliyoni. Abamamaji b’inkuru nziza barihata kurangura umurimo wabo wo kwamamaza inkuru nziza mu buryo burimwo urutonde, bakaraba neza ko ata gice c’akarere gikorerwamwo birenze mu gihe ibindi bice vyirengagizwa. Ivyo vyose bisaba ko habaho ishirahamwe.
Kubera ko “Imana itarobanura abantu ku butoni,” Amabibiliya hamwe n’ibitabu bisigura Bibiliya bitegerezwa guhindurwa. (Ivyakozwe 10:34) Muri iki gihe, iki kinyamakuru kiboneka mu ndimi 132 kandi n’ikinyamukuru kigenzi caco ari co Réveillez-vous!, gisohorwa mu ndimi 83. Ivyo bisaba ko habaho imigwi y’abahinduzi itunganijwe neza hirya no hino kw’isi.
Abagize ishengero bararonka indemesho igihe bitavye amakoraniro y’Abakirisu n’amateraniro. Aho barahumvira insiguro zishingiye kuri Bibiliya zikabura, bakigira hamwe Ivyanditswe, bakaganira ivyabaye vyubaka kandi bakifatanya n’abo basangiye ukwemera mu gusenga. Vyongeye, nka kumwe kw’abavukanyi babo bo mu kinjana ca mbere, baranezerezwa n’ukugenderwa n’abacungezi b’ingenzi gukomeza ukwizera. Gutyo rero, Abakirisu bo muri iki gihe bagize “umukuku umwe n’umwungere umwe.”—Yohana 10:16.
Ariko rero ntiwumve, Ivyabona vya Yehova ni abantu b’abanyagasembwa, eka mbere na bagenzi babo bo mu kinjana ca mbere ni uko bari bameze. Naho ari ukwo, ntibituma badakorana mu bumwe. Ico bivamwo ni uko igikorwa co kwamamaza Ubwami kiriko kirarangurwa mw’isi iyo iva ikagera.—Ivyakozwe 15:36-40; Abanyefeso 4:13.
[Ifoto ku rup. 31]
Abakirisu muri iki gihe bagize “umukuku umwe n’umwungere umwe”