ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w00 1/8 rup. 16-20
  • Icizigiro c’Izuka Kirafise Ububasha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Icizigiro c’Izuka Kirafise Ububasha
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Icemezo Gikomeye c’Izuka rya Yezu
  • Babatizwa ku bw’Abapfuye?
  • Kuba Maso Birakenewe
  • Kuzukana Uwuhe Mubiri?
  • Ugutsinda Urupfu!
  • Icizigiro c’Izuka Kiranguka!
  • Icizigiro c’izuka ni ntakekeranywa
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • ‘Abapfuye Bazozurwa’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • ‘Urupfu Ruzorandurwa’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • “Abapfuye bazurwa bate?”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
w00 1/8 rup. 16-20

Icizigiro c’Izuka Kirafise Ububasha

“Nahomvye ibintu vyose . . . ngo [m]enye [Yezu Kirisitu] n’ubushobozi bg’ukuzuka kwiwe.”​—AB’I FILIPI 3:8-10.

1, 2. (a) Mu myaka iheze, umuyobozi umwe w’idini yadondoye gute izuka? (b) Izuka rizogenda gute?

MU NTANGO y’imyaka y’1890, urwego menyeshamakuru rwaramenyesheje ivy’insiguro idasanzwe yashikirijwe n’umuyobozi w’idini umwe i Brooklyn i New York, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Yavuze yuko izuka rizoba ari ugukorakoranya no gusubiza ubuzima amagufa yose n’inyama zose vyari bigize umutumba w’umuntu, vyaba vyaherengetejwe n’umuriro canke n’isanganya, vyaba vyariwe n’inyamaswa canke vyacitse ibitabizo. Uwo muvugabutumwa yiyumvira yuko ku musi uri izina w’amasaha 24, ikirere kizokwirabuzwa n’ibikonjo, amaboko, ibirenge, intoke, amagufa, imitsi be n’uruhu vy’abantu amamiliyoni bapfuye. Ivyo bihimba vyobaye biriko birarondera ibindi bice vy’umubiri nyene vyavuyeko. Ubugingo buzoca buza buvuye mw’ijuru no mu muriro udahera kugira bube muri iyo mibiri yazutse.

2 Izuka riba biciye ku gusubira kwiyungunganya kw’utugingo ngengabuzima umuntu yari afise mu ntango ntiryumvikana, kandi abantu ntibafise ubugingo budahwera. (Umusiguzi 9:5, 10; Ezekiyeli 18:4) Yehova, Imana y’izuka, ntakeneye gukorakoranya utugingo ngengabuzima tw’ivyahoze bigize umubiri w’umuntu. Arashobora kubumbabumbira imibiri mishasha abazutse. Yehova yarahaye Umwana wiwe Yezu Kirisitu ububasha bwo kuzura abapfuye, bagashobora kubaho ibihe bidahera. (Yohana 5:26) Ni co gituma Yezu yavuze ati: “Ni jewe kuzuka n’ubugingo. Ūnyizera n’iyo yo[pfa], azobaho.” (Yohana 11:25, 26) Ese ukuntu ari umuhango weza umutima! Uradukomeza kugira ngo twihanganire ibigeragezo no kugira mbere duhangane n’urupfu turi Ivyabona vya Yehova b’abizigirwa.

3. Ni kuki vyari ngombwa ko Paulo aburanira izuka?

3 Izuka ntirijanye n’iciyumviro c’uko abantu bafise ubugingo budahwera​—kikaba ari iciyumviro cari gifiswe na wa mufilozofe w’Umugiriki Pulato. None, ni igiki cabaye igihe intumwa Paulo yashinga intahe ku Bagiriki bakomakomaye kuri Areyopago i Atenayi, akavuga akikiririza kuri Yezu maze akavuga ko Imana yamuzuye? Iyo nkuru ivuga iti: “Maze bumvise ivy’ukuzuka mu bapfuye, bamwe barishinyira.” (Ivyakozwe 17:29-34) Abenshi mu bari barabonye Yezu Kirisitu yazutse bari bakiriho kandi, naho babashinyagurira, barashinga intahe yuko yazuwe mu bapfuye. Mugabo abigisha b’ibinyoma bari bifatanije n’ishengero i Korinto, barahakanye izuka. Ni co gituma Paulo yaburaniye bimwe bikomeye iyo nyigisho ya gikirisu mu 1 Ab’i Korinto ikigabane ca 15. Ugutohoza mu buryo bwitondewe ukuntu yisiguye biragaragaza ata mazinda yuko icizigiro c’izuka ari ntakekeranywa kandi ko gifise ububasha.

Icemezo Gikomeye c’Izuka rya Yezu

4. Ni ikimenyamenya ikihe Paulo yatanze c’abiboneye izuka rya Yezu?

4 Raba ukuntu Paulo yatanguye kwisigura. (1 Ab’i Korinto 15:1-11) Kiretse gusa igihe Abanyakorinto boba ata co bacikiye abizera, bazogumya inkuru nziza y’ubukiriro. Yezu yapfuye ku bw’ibicumuro vyacu, arahambwa, yongera arazurwa. Kukaba nkako, Yezu uwari yazutse yarabonekeye Kefa (Petero), “maz’akiyereka bamwe cumi na babiri.” (Yohana 20:19-23) Yarabonywe n’abantu nk’500, kumbure igihe yabwiriza ati: ‘Nimugende, muhindure abantu abigishwa.’ (Matayo 28:19, 20) Yakobo yaramubonye, nk’uko n’intumwa z’intahemuka zose zamubonye. (Ivyakozwe 1:6-11) Hafi y’i Damasiko, Yezu yarabonekeye Sauli, “nk’umwana yavutse atageze” (NW)​—nk’aho yoba yari amaze kuduzwa mu buzima bw’impwemu. (Ivyakozwe 9:1-9) Abanyakorinto bacitse abizera kubera yuko Paulo yamamaje inkuru nziza kuri bo kandi barayemeye.

5. Paulo yagiye ashikiriza gute iciyumviro ciwe, nk’uko vyanditswe mu 1 Ab’i Korinto 15:12-19?

5 Raba ukuntu Paulo yagenda ashikiriza iciyumviro ciwe. (1 Ab’i Korinto 15:12-19) Kubera ko abavyiboneye bamamaza yuko Kirisitu yazutse, bishobora gute kuvugwa yuko ata zuka ririho? Niba Yezu atazuwe mu bapfuye, ukwamamaza inkuru nziza kwacu n’ukwizera kwacu vyoba ari impfagusa, kandi twoba turi ababeshi bashingira intahe Imana mu kuvuga tubesha yuko yazuye Kirisitu. Niba abapfuye batazurwa, ‘turacari mu vyaha vyacu,’ kandi abapfuye muri Kirisitu barayogeye. Vyongeye, “asangwa mur’ubu bu[zima] bgonyene ari ho twizigira Kristo, turusha abandi bantu bose kuba abagowe.”

6. (a) Paulo yavuze iki mu kwemeza izuka rya Yezu? (b) “Umwansi w’imperuka” ni nde, kandi azoherengetezwa gute?

6 Paulo aremeza izuka rya Yezu. (1 Ab’i Korinto 15:20-28) Kubera yuko Kirisitu ari “we yashurije” abasinziriye mu rupfu, n’abandi nyene bazozuka. Nk’uko urupfu rwavuye ku kugambarara kwa wa muntu Adamu, izuka rica ku muntu​—Yezu. Abamwegukira bozuwe mu gihe c’ukuhaba kwiwe. Kirisitu “[a]kūrah’ubukuru bgose, n’ububasha bgose, n’ubushobozi bgose” birwanya ukuba Segaba kw’Imana n’ubutegetsi bwiwe bwa Mwami gushika aho Yehova azoshirira abansi bose munsi y’ibirenge vyiwe. Na wa “mwansi w’imperuka” (UB), ari rwo rupfu twarazwe na Adamu, azoherengetezwa biciye ku gaciro k’inkuka ya Yezu. Maze Kirisitu azoshikiriza Ubwami Imana yiwe ikaba na Se, yishire munsi y’“Iyamuhaye inganji ya vyose, ngw Imana ibe vyose muri vyose.”

Babatizwa ku bw’Abapfuye?

7. Ni bande “babatirizwa kuba abapfuye,” kandi ivyo bisobanura iki kuri bo?

7 Abarwanya izuka babazwa bati: “Bazogira bate ababatirizwa kuba abapfuye?” (1 Ab’i Korinto 15:29, NW) Paulo ntiyashaka kuvuga yuko abariho babatizwa mu gishingo c’abapfuye, kubera yuko abigishwa ba Yezu betegerezwa ubwabo kwiga, kwemera hanyuma bakabatizwa. (Matayo 28:19, 20; Ivyakozwe 2:41) Abakirisu basizwe “babatirizwa kuba abapfuye” mu gushirwa mu ngendo y’ubuzima ijana ku rupfu no kw’izuka. Ubwo buryo bw’ibatisimu butangura igihe impwemu y’Imana ibashiramwo icizigiro c’ijuru maze bukarangira igihe bazutse bakava mu rupfu bakaja mu buzima bw’impwemu budahwera bwo mw’ijuru.​—Abaroma 6:3-5; 8:16, 17; 1 Ab’i Korinto 6:14.

8. Abakirisu bashobora kwemera iki badakeka, no mu gihe nyene Shetani n’abakozi biwe bobica?

8 Nk’uko amajambo ya Paulo avyerekana, icizigiro c’izuka gituma Abakirisu bashobora guhagarara igihe bama mu kaga umwanya wose n’igihe bahangana n’urupfu ku musi ku musi ku bw’igikorwa barangura co kwamamaza inkuru nziza. (1 Ab’i Korinto 15:30, 31) Barazi yuko Yehova ashobora kubazura mu gihe yoreka Shetani n’abakozi biwe bakabica. Imana yo nyene ni yo ishobora gukuraho ubugingo bwabo, ari bwo buzima, muri Gehinomu hagereranya isangangurwa ry’ibihe bidahera.​—Luka 12:5.

Kuba Maso Birakenewe

9. Niba dushaka ko icizigiro c’izuka kigira ububasha bwo kudushigikira mu buzima bwacu, dutegerezwa kwirinda iki?

9 Icizigiro c’izuka carashigikiye Paulo. Igihe yari muri Efeso, abansi biwe bashobora kuba baramutaye mu kibuga c’inkino kugira ngo arwane n’inyamaswa. (1 Ab’i Korinto 15:32) Niba ivyo vyarashitse, yararokowe, nka kurya nyene Daniyeli yarokowe agakurwa mu ntambwe. (Daniyeli 6:16-22; Abaheburayo 11:32, 33) Kubera Paulo yizigira izuka, ntiyagize inyifato y’abahuni bo mu Buyuda bo mu gihe ca Yesaya. Bavuga bati: “Ngo twīrīre, twinywere, kukw ejo tuzopfa.” (Yesaya 22:13) Niba dushaka ko icizigiro c’izuka kigira ububasha bwo kudushigikira mu buzima bwacu nk’uko cabugize mu bwa Paulo, dutegerezwa kwirinda abafise agatima kabi nk’ako. Paulo yagabishije ati: “Ntimuzimire: kubana n’ababi kwonona ingeso nziza.” (1 Ab’i Korinto 15:33) Kukaba nkako, iyo ngingo ngenderwako irakora mu mice itandukanye y’ubuzima.

10. Icizigiro cacu c’izuka gishobora gute kugumizwa ari kizima?

10 Paulo yabwiye abakekeranya ku vy’izuka ati: “Mushire ibirāre, mugororoke, ntimukore ivyaha: kuko bamwe batazi Imana. Mbivugiye kubatētereza.” (1 Ab’i Korinto 15:34) Muri iki “gihe c’iherezo,” dukeneye gukora ibintu mu buryo bujanye n’ubumenyi nyakuri bwerekeye Imana na Kirisitu. (Daniyeli 12:4; Yohana 17:3) Ivyo bizotuma icizigiro cacu c’izuka kiguma ari kizima.

Kuzukana Uwuhe Mubiri?

11. Paulo yagereranije gute izuka ry’Abakirisu basizwe?

11 Ubukurikira Paulo yicariye ibibazo bimwebimwe. (1 Ab’i Korinto 15:35-41) Kumbure mu kigoro ko kuvyura amakenga kw’izuka, hari uwobaza ati: “Abapfuye bazurwa bate, kandi baza bafise umubiri ki?” Nk’uko Paulo yavyerekanye, urubuto rutewe mw’ivu vy’ukuri rurapfa igihe ruhinduka kugira rucike umuvyaro. Muri ubwo buryo nyene, umuntu avyawe n’impwemu ategerezwa gupfa. Nka kurya igiterwa kiva mu rubuto ari igiterwa gishasha, ni ko umubiri uzutse w’Umukirisu yasizwe uba utandukanye n’umubiri w’umuntu. Naho ubuzima bwiwe bwoba bumeze nk’ubwo yari afise imbere y’uko apfa, azuka ari ikiremwa gishasha gifise umubiri w’impwemu ushobora kuba mw’ijuru. Birumvikana, abazukira kw’isi bazozukana imibiri y’abantu.

12. Amajambo “imitumba yo kw ijuru” be n’“imitumba yo kw isi” asobanura iki?

12 Nk’uko Paulo yabivuze, umubiri w’umuntu uratandukanye n’uw’igikoko. N’imibiri y’ibikoko igenda itandukana ku bwoko ku bwoko. (Itanguriro 1:20-25) “Imitumba yo kw ijuru” y’ibiremwa vy’impwemu iratandukanye mu bwiza n’“imitumba yo kw isi.” Ikindi, ubwiza bw’izuba, ukwezi n’inyenyeri bugenda butandukana. Mugabo, abasizwe bazutse bafise ubwiza buhambaye kuruta.

13. Dukurikije 1 Ab’i Korinto 15:42-44, ni igiki kibibwa kandi ni igiki kizurwa?

13 Paulo amaze kuvuga aho bigenda bitandukanira yongeyeko ati: “N’ukuzuka kw’abapfuye ni nk’uko.” (1 Ab’i Korinto 15:42-44) Yavuze ati: “Habibga ikibora, hazurwa ikitabora.” Aha Paulo ashobora kuba ashaka kuvuga abasizwe uko ari umugwi. Habibwa ikibora mu rupfu, hakazurwa ikitabora, kitagira icaha. Naho coba carambitswe ibara n’isi, kizurirwa ubuzima bw’ijuru kandi kigahishurwa kumwe na Kirisitu mu buninahazwa. (Ivyakozwe 5:41; Ab’i Kolosayi 3:4) Ku rupfu habibwa “umubiri w’inyama” maze hakazuka “umubiri w’impwemu.” Kubera yuko ivyo bishoboka mu vyerekeye Abakirisu bavyawe n’impwemu, turashobora kwemera tudakeka yuko abandi bashobora kuzukira ubuzima bwo kw’isi.

14. Paulo yaseruye gute ibintu bitandukanya Kirisitu na Adamu?

14 Ubukurikira, Paulo yerekanye ibintu bitandukanya Kirisitu na Adamu. (1 Ab’i Korinto 15:45-49) Adamu, umuntu wa mbere, “yabaye ubugingo buzima.” (Itanguriro 2:7, NW) “Adamu wo hanyuma”​—Yezu—​“yabaye impwemu itanga ubu[zima].” Yatanze ubuzima bwiwe bwa nkuka y’incungu, ubwa mbere ku bw’abayoboke biwe basizwe. (Mariko 10:45) Mu gihe ari abantu, ‘bambara ishusho y’uw’umukungugu,’ mugabo igihe bazutse baca bamera nka Adamu wo hanyuma. Ego ni ko, inkuka ya Yezu izogirira akamaro abantu bose bagamburuka, dushizemwo n’abazozukira kw’isi.​—1 Yohana 2:1, 2.

15. Ni kuki Abakirisu basizwe batazurwa bafise umubiri w’inyama, kandi bazurwa bameze gute mu gihe c’ukuhaba kwa Yezu?

15 Igihe Abakirisu basizwe bapfuye, ntibazurwa bafise umubiri w’inyama. (1 Ab’i Korinto 15:50-53) Umubiri ubora w’inyama n’amaraso ntushobora kuragwa ukutabora be n’Ubwami bw’ijuru. Abasizwe bamwebamwe ntiborinze gusinzira mu rupfu igihe kirekire. Bahejeje urugendo rwabo rwo kw’isi ari abizigirwa mu gihe c’ukuhaba kwa Yezu, “[bo]hindurwa, mu kanya gato, mu kanya nk’ako gukubita ingohe.” Bociye ubwo nyene bazurirwa ubuzima bw’impwemu mu kutabora no mu buninahazwa. Impera n’imperuka, abagize “umugeni” wa Kirisitu wo mw’ijuru bazoba 144.000.​—Ivyahishuriwe 14:1; 19:7-9; 21:9; 1 Ab’i Tesalonike 4:15-17.

Ugutsinda Urupfu!

16. Dukurikije ivyavuzwe na Paulo be n’abahanuzi ba kare, ni igiki kizoshikira urupfu twarazwe na wa mucumuzi Adamu?

16 Paulo yamenyesheje mu buryo buranga intsinzi yuko urupfu rwomizwe miyonzwa gushitsa ibihe bidahera. (1 Ab’i Korinto 15:54-57) Ikibora kandi kigahwera nicambara ukutabora n’ukudahwera, aya majambo azoba arangutse: “Urupfu rumizwe [ibihe bidahera].” “Wa rupfu we, intsinzi yawe iri hehe? Wa rupfu we, uruboyi rwawe ruri hehe?” (Yesaya 25:8; Hoseya 13:14) Uruboyi rutera urupfu ni icaha, kandi inkomezi z’icaha zari Ivyagezwe, ivyacira abacumura urwo gupfa. Mugabo, kubera inkuka ya Yezu be n’izuka ryiwe, urupfu twarazwe na wa mucumuzi Adamu ntiruzoba rugitsinda.​—Abaroma 5:12; 6:23.

17. Amajambo yo mu 1 Ab’i Korinto 15:58 aranguka gute muri iki gihe?

17 Paulo yavuze ati: “Nuko bene Data nkunda, mukomere ntimunyiganyige, murushirize imisi yose gukora ibikorwa vy’Umwami wacu, kuko muzi yuk’ubutame bganyu atar’ubg’ubusa mu Mwami.” (1 Ab’i Korinto 15:58) Ayo majambo yerekeye amasigarira y’abasizwe yo muri iki gihe be n’“izindi ntama” za Yezu naho mbere bopfa muri iyi misi y’iherezo. (Yohana 10:16) Ubutame bwabo bwa bamamaji b’Ubwami si ubw’ubusa, kubera yuko hari izuka ribarindiriye. Bwa basavyi ba Yehova rero, nimuze tugume dufise vyinshi dukora mu gikorwa c’Umukama mu gihe tukirindiriye umusi tuzoshobora gutera akamo k’umunezero tugira duti: “Wa rupfu we, intsinzi yawe iri hehe?”

Icizigiro c’Izuka Kiranguka!

18. Ukwizigira izuka kwa Paulo kwari gukomeye ku rugero rungana iki?

18 Amajambo ya Paulo yanditse mu 1 Ab’i Korinto ikigabane ca 15 aragaragaza yuko icizigiro c’izuka cari gifise ububasha mu buzima bwiwe. Ntiyakekeranya yuko Yezu yazuwe mu bapfuye n’uko abandi bobohowe mu mva rusangi y’abantu. Woba ufise ukujijuka gukomeye nk’ukwo? Paulo yabona inyungu z’ubwikunzi ko ari “umwavu” (UB) kandi ‘yahomvye ibintu vyose’ kugira ngo ashobore ‘kumenya Kirisitu n’ubushobozi bw’ukuzuka kwiwe.’ Iyo ntumwa yari n’umutima ukunze wo kwemera igapfa nk’urwo Kirisitu yapfuye, yizigiye kuronka “ukuzuka [“kwa kare,” NW]. Ukwo kuzuka kwitwa kandi “ukuzuka kwa mbere,” gushika ku bayoboke basizwe ba Yezu 144.000. Egome, bazurirwa ubuzima bw’impwemu mw’ijuru, mu gihe “abapfuye bandi” bazozukira kw’isi.​—Ab’i Filipi 3:8-11; Ivyahishuriwe 7:4; 20:5, 6.

19, 20. (a) Ni abantu abahe banditswe muri Bibiliya bazozurirwa ubuzima kw’isi? (b) Urindiranye umushasharo izuka rya bande?

19 Icizigiro c’izuka cacitse ikintu kininahaye atari umugani ku basizwe babaye intahemuka gushika ku rupfu. (Abaroma 8:18; 1 Ab’i Tesalonike 4:15-18; Ivyahishuriwe 2:10) Abazorokoka wa “mubabaro mwinshi” bazobona icizigiro c’izuka kiranguka kw’isi aho ‘ikiyaga kizogarukana abapfuye bo muri co, urupfu n’i kuzimu bikagarukana abapfuye bo muri vyo.’ (Ivyahishuriwe 7:9, 13, 14; 20:13) Mu bazozukira ubuzima bwo kw’isi hazobamwo Yobu, uwabuze abahungu ndwi n’abakobwa batatu. Iyumvire umunezero azogira mu kubaha ikaze​—kandi ese ukuntu bazogira akamwemwe k’uko bafise abandi benewabo ndwi na bashiki babo basa n’irirenga bandi batatu!​—Yobu 1:1, 2, 18, 19; 42:12-15.

20 Ese ukuntu uzoba ari umuhezagiro igihe Aburahamu na Sara, Isaka na Rebeka​—emwe n’abandi benshi, tutibagiye “abāvugishwa n’Imana bose”​—bazoba bazuriwe ubuzima bwo kw’isi! (Luka 13:28) Umwe muri abo bavugishwa n’Imana yari Daniyeli, uwasezeraniwe izuka mu butegetsi bwa Mesiya. Daniyeli amaze imyaka nk’2.500 aruhutse mu mva, mugabo biciye ku bubasha bw’izuka, vuba agiye ‘guhagarara mu mugabane wiwe’ ari umwe muri ba “baganwa mu gihugu cose.” (Daniyeli 12:13; Zaburi 45:16) Ese ukuntu bizoba vyeza umutima kudaha ikaze gusa abizigirwa ba kera, mugabo kandi no guha ikaze so wawe bwite, nyoko, umuhungu wawe, umukobwa wawe, canke abandi wakunda bakwonkoweko na wa mwansi rupfu!

21. Ni kuki tudakwiye gutebagana mu gukorera abandi ivyiza?

21 Bamwebamwe mu bagenzi bacu be no mu bo dukunda bashobora kuba bamaze imyaka mirongo bakorera Imana kandi bageze mu zabukuru. Imyaka yitereye ishobora gutuma bibagora gutsinda utugorane two mu buzima. Ese ukuntu biranga urukundo kubaha imfashanyo iyo ari yo yose dushoboye ubu bwa none! Gutyo, ntituzokwicuza ngo ntitwabagiriye mu buryo bunaka ivyo twari dukwiye kubagirira, nk’igihe urupfu rwobatwara. (Umusiguzi 9:11; 12:1-7; 1 Timoteyo 5:3, 8) Turashobora kudakeka ko Yehova atazokwibagira ibintu vyiza dukorera abandi, tutaravye imyaka bafise canke uko ivyabo vyifashe. Paulo yanditse ati: “Iyo turonse uburyo, tugirire bose neza, cane-cane ab’inzu y’abizera.”​—Ab’i Galatiya 6:10; Abaheburayo 6:10.

22. Imbere yuko iranguka ry’icizigiro c’izuka riba, dukwiye kwiyemeza gukora iki?

22 Yehova ni “Data wa twese w’imbabazi, kand’Imana yirura imibabaro yose.” (2 Ab’i Korinto 1:3, 4) Ijambo ryiwe riratwirura rikongera rikadufasha kwiruza abandi ca cizigiro c’izuka gifise ububasha. Imbere yuko tubona iranguka ry’ico cizigiro biciye kw’izuka ry’abapfuye bazukira ubuzima bwo kw’isi, nimuze tumere nka Paulo, uwizera izuka. Twigane canecane Yezu, uwo ukwizigira kwiwe, ububasha bw’Imana bwo kumuzura kwarangutse. Abari mu mva z’icibutso ubu bwa vuba bagiye kwumva ijwi rya Kirisitu bazivemwo. Ese ivyo vyotwirura bikanadutera umunezero. Mugabo ikiruta vyose, nimuze dukurire ubwatsi Yehova, uwatumye bishoboka ko urupfu rutsindwa biciye ku Mukama wacu Yezu Kirisitu!

Inyishu Yawe Ni Iyihe?

• Ni ikimenyamenya ikihe Paulo yatanze c’abiboneye izuka rya Yezu?

• “Umwansi w’imperuka” ni nde, kandi azoherengetezwa gute?

• Ku biraba Abakirisu basizwe, ni igiki kibibwa kandi ni igiki kizurwa?

• Ni abantu abahe banditse muri Bibiliya wokwipfuza kuzobonana na bo igihe bazozukira ubuzima bwo kw’isi?

[Ifoto ku rup. 16]

Intumwa Paulo yaraburaniye izuka bimwe bikomeye

[Ifoto ku rup. 20]

Izuka rya Yobu, umuryango wiwe, be n’abandi benshi rizotera umunezero ntangere!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika