Iragi Ryacu ry’Agaciro—Rivuze Iki Kuri Wewe?
“Ni muze, abo Data yahezagiye, muragwe ubgami mwateguriwe, uhereye ku kuremwa kw’isi.”—MATAYO 25:34.
1. Ni ibintu bwoko ki abantu baronse bwa ntoranwa?
ABANTU bose barafise ibintu barazwe. Kuri bamwe, iragi rishobora kuba ririmwo ukubaho neza bafise amatungo menshi. Ku bandi ni ubuzima bw’ubukene. Mu bihe bimwebimwe, abarutse kera, kubera ivyo baciyemwo canke bumvise, bararaga abandi ukwanka urunuka ubundi bwoko. Ariko rero, twese turi n’ico duhuriyeko. Twese twakuye ku mugabo wa mbere, Adamu, intoranwa y’icaha. Iyo ntoranwa impera n’imperuka ijana ku rupfu.—Umusiguzi 9:2, 10; Abaroma 5:12.
2, 3. Ni iragi irihe Yehova mu ntango yari yatumye uruvyaro rwa Adamu na Eva rushobora kuronka, kandi ni kuki batarihawe?
2 Yehova, bwa Muvyeyi munyarukundo wo mw’ijuru, mu ntango yahaye abantu iragi ritandukanye cane n’iryo—ni ukuvuga ubuzima budahera butagira agasembwa mw’Iparadizo. Abavyeyi bacu ba mbere, Adamu na Eva, bahawe intango itagiramwo agasembwa, itagiramwo icaha. Yehova Imana yahaye abantu umubumbe w’isi bwa ngabire. (Zaburi 115:16) Yatanze itongo rya Edeni bwa karorero k’ukuntu umubumbe wose wocitse maze ashinga abavyeyi bacu ba mbere igikorwa c’akaroruhore, gikwegera. Bategerezwa kwibaruka ibibondo, bakabungabunga isi n’ibiterwa be n’ibikoko birimwo vy’ubwoko butandukanye, kandi bakagura imbibe z’Iparadizo hirya no hino ku mubumbe. (Itanguriro 1:28; 2:8, 9, 15) Uruvyaro rwabo rwogize uruhara muri ivyo. Ese ukuntu yari intoranwa y’akaroruhore bashobora kubasigira!
3 Ariko rero, niba bashaka kwinovora ivyo vyose, Adamu na Eva be n’uruvyaro rwabo botegerejwe kugiranira na Yehova ubucuti bwiza. Babwirizwa gukunda no kugamburukira Yehova, mugabo Adamu na Eva barananiwe gukenguruka ivyo Imana yari yarabahaye maze bagambarara ibwirizwa ryiwe. Baratakaje Iparadizo babamwo be n’ivyizigiro vyiza Imana yari yashize imbere yabo. Ni co gituma batashoboye gusigira ivyo bintu uruvyaro rwabo.—Itanguriro 2:16, 17; 3:1-24.
4. Dushobora gute kuronka rya ragi Adamu yatakaza?
4 Mu buryo buranga ikigongwe, Yehova yaratunganije ibintu ku buryo uruvyaro rwa Adamu na Eva rwoshoboye kugira akaryo ko kuronka rya ragi Adamu yatakaza. Gute? Mu gihe cashinzwe n’Imana, Umwana wayo bwite Yezu Kirisitu, yaratanze ubuzima bw’umuntu bwiwe butagira agasembwa ku bw’uruvyaro rwa Adamu. Biciye kuri ubwo buryo, Kirisitu yarabaguze bose. Ariko rero, rya ragi ntirica ubwo nyene riba iryabo. Bakeneye kugira impagararo yemerwa n’Imana, iyo bashobora kuronka mu kugaragaza ukwizera agaciro mpongeravyaha k’inkuka ya Yezu be no mu kwerekana ukwo kwizera mu kugamburuka. (Yohana 3:16, 36; 1 Timoteyo 2:5, 6; Abaheburayo 2:9; 5:9) Ingendo y’ubuzima yawe yoba yerekana yuko ukenguruka iyo ntunganyo?
Intoranwa Yatanzwe Biciye Kuri Aburahamu
5. Aburahamu yagaragaje gute ko akenguruka ubucuti afitaniye na Yehova?
5 Uko Yehova yarangura umugambi afitiye isi, yakorana na Aburahamu mu buryo budasanzwe. Yabwirije uwo mugabo w’intahemuka kuva mu gihugu ciwe akimukira mu gihugu Imana ubwayo yomweretse. Aburahamu yaragamburutse n’umutima ukunze. Aburahamu amaze gushikayo, Yehova yavuze yuko uruvyaro rwa Aburahamu, rwohawe ico gihugu bwa ntoranwa, atari Aburahamu ubwiwe. (Itanguriro 12:1, 2, 7) Aburahamu yavyakiriye gute? Yari afise umutima ukunze wo gukorera Yehova ahantu hose no mu buryo bwose Imana yamubwirije, kugira ngo uruvyaro rwiwe rushobore kuronka intoranwa yarwo. Aburahamu yakorereye Yehova mu gihugu kitari iciwe mu myaka 100, kugeza apfuye. (Itanguriro 12:4; 25:8-10) Ivyo woba wari kubikora? Yehova yavuze yuko Aburahamu yari “umukunzi” wiwe.—Yesaya 41:8.
6. (a) Aburahamu yagaragaje iki mu kugira umutima ukunze wo gutangako ikimazi umuhungu wiwe? (b) Ni intoranwa y’igiciro iyihe Aburahamu yoshoboye gusigira uruvyaro rwiwe?
6 Aburahamu yari yarindiriye imyaka myinshi umwana w’umuhungu yakunda cane, ari we Isaka. Bigaragara ko igihe uwo muhungu yari ageze mu buyabaga, Yehova yabwirije Aburahamu gufata uwo muhungu maze akamutangako ikimazi. Aburahamu ntiyari azi ko yari agiye kugaragaza ico Imana ubwayo yokoze mu gutanga Umwana wayo bwa ncungu; yamara, yaragamburutse kandi yagira atangeko ikimazi Isaka igihe umumarayika wa Yehova yamuhagarika. (Itanguriro 22:9-14) Yehova yari amaze kuvuga yuko imihango yahaye Aburahamu yorangutse biciye kuri Isaka. Ni co gituma Aburahamu bigaragara ko yari yizeye ko, niba bikenewe, Imana yozuye Isaka mu bapfuye, naho ikintu nk’ico kitari bwagirwe na rimwe. (Itanguriro 17:15-18; Abaheburayo 11:17-19) Kubera yuko Aburahamu atanse gutanga mbere n’umwana wiwe, Yehova yamenyesheje ati: “Mu rubuto rwawe ni ho amahanga yose yo mw’isi azokwihesha umugisha.” (Itanguriro 22:15-18, NW) Ivyo vyerekana yuko Urubuto ruvugwa mw’Itanguriro 3:15, ari rwo Mesiya umuhabuji, rwoje biciye ku bakomoka kuri Aburahamu. Ese ukuntu iyo ari intoranwa y’agaciro y’ugusigira abandi!
7. Aburahamu, Isaka na Yakobo bagaragaje gute ko bakenguruka intoranwa yabo?
7 Aburahamu ntiyari azi insobanuro y’ivyo Yehova yariko arakora muri ico gihe; eka mbere n’umuhungu wiwe Isaka canke umwuzukuru wiwe Yakobo, abacitse “abāragan[wa] na we ivyo yasezeranywe.” Mugabo bose bari bizigiye Yehova. Ntibifatanije na kamwe mu dusagara-bwami two muri ico gihugu kubera bari bahanze amaso ikintu kirushirije kuba ciza—ni ukuvuga “igisagara cubatswe kw itanguriro, umugezi n’umwubatsi waco [ari] Imana.” (Abaheburayo 11:8-10, 13-16) Yamara rero, si abakomotse kuri Aburahamu bose batahuye agaciro k’iyo ntoranwa yari ihari biciye kuri Aburahamu.
Bamwebamwe Bakengereye Intoranwa
8. Esau yagaragaje gute ko adakenguruka agaciro k’intoranwa yiwe?
8 Esau, umuhungu w’imfura wa Isaka, yarananiwe guha agaciro uburenganzira bw’uko yari imfura. Ntiyakengurutse ibintu vyeranda. Ni co gituma, umusi umwe igihe Esau yari ashonje, yagurishije uburenganzira bwiwe bw’ukuba imfura kuri mwenewabo Yakobo. Yabuguze n’iki? Yabukavye icibo kimwe c’umutsima n’ibiharage! (Itanguriro 25:29-34; Abaheburayo 12:14-17) Ihanga vyociyeko kugira ngo Imana irangure imihango yahaye Aburahamu ryokwamutse kuri Yakobo, uwo izina ryiwe ryahinduwe n’Imana rikaba Isirayeli. Iyo ntoranwa idasanzwe yabugururiye utuhe turyo?
9. Kubera intoranwa yabo yo mu vy’impwemu, ni ryari uruvyaro rwa Yakobo ari we Isirayeli rwarokowe?
9 Mu gihe c’amapfa, Yakobo n’umuryango wiwe bimukiye mu Misiri. Baraharondokeye maze baba benshi cane, mugabo kandi bacitse abaja. Ariko rero, Yehova ntiyibagiye isezerano yagiranye na Aburahamu. Mu gihe Imana yashinze, yararokoye abana ba Isirayeli abakura mu buja kandi abamenyesha yuko agiye kubajana mu “gihugu . . . gitemba amata n’ubūki,” ari co gihugu yasezeraniye Aburahamu.—Kuvayo 3:7, 8; Itanguriro 15:18-21.
10. Ku Musozi Sinayi, ni ibindi bintu ibihe bitangaje vyabaye mu bijanye n’intoranwa y’abana ba Isirayeli?
10 Igihe abana ba Isirayeli bari mu nzira bagana ca Gihugu c’Isezerano, Yehova yarabakoranije ku Musozi Sinayi. Aho yababwiye ati: ‘Ni mwanyumvira vy’ukuri, mukitondera isezerano ryanje, muzombera inyegu niharije, nitoranirije mu mahanga yose: kukw isi yose ar’iyanje; kandi muzombera ubgami, ubgoko bg’abaherezi, ihanga ryera.’ (Kuvayo 19:5, 6) Abantu bamaze kuvyemera bavyishakiye kandi ata n’umwe avuyemwo, Yehova yatanguye kubaha Ivyagezwe vyiwe—kikaba cari ikintu ata kindi gisata na kimwe yabigiriye.—Zaburi 147:19, 20.
11. Ni ibintu bimwebimwe ibihe vy’agaciro vyari mu bigize iragi ryo mu vy’impwemu ry’abana ba Isirayeli?
11 Ese iragi ryo mu vy’impwemu iryo hanga ryari rifise! Basenga Imana imwe rudende y’ukuri. Bari bararokowe na yo mu Misiri kandi bari biboneye ibintu biteye akoba igihe Ivyagezwe vyatangwa ku Musozi Sinayi. Iragi ryabo ryarongera gukomezwa uko baronka ibindi “vyavuzwe n’Imana” biciye ku bahanuzi. (Abaroma 3:1, 2) Baratowe na Yehova kugira ngo babe ivyabona vyiwe. (Yesaya 43:10-12) Urubuto Mesiya rwategerezwa guseruka mw’ihanga ryabo. Ivyagezwe vyadoma urutoke kuri we, vyomudondoye, kandi vyotegerejwe kubafasha gutahura ko bamukeneye. (Ab’i Galatiya 3:19, 24) Vyongeye, bohawe akaryo ko gukora bafadikanije n’urwo Rubuto Mesiya, bagize ubwami bw’abaherezi n’ihanga ryeranda.—Abaroma 9:4, 5.
12. Naho binjiye muri ca Gihugu c’Isezerano, ni igiki Abisirayeli bananiwe gushikira? Kubera iki?
12 Nk’uko isezerano ryiwe ryabivuga, Yehova yarayoboye Abisirayeli muri ca Gihugu c’Isezerano. Mugabo, nk’uko intumwa Paulo yabisobanuye mu nyuma, kubera babuze ukwizera, ico gihugu nticabaye koko “uburuhukiro” (UB). Uko bari bagize igisata, ntibinjiye mu ‘karuhuko k’Imana’ kubera ko bananiwe gutegera ibintu no gukora mu buryo buhuje n’umugambi werekeye umusi w’akaruhuko w’Imana ubwayo, uwatanguye inyuma y’iremwa rya Adamu na Eva.—Abaheburayo 4:3-10.
13. Kubera Isirayeli bwa hanga yananiwe gukenguruka iragi ryayo ryo mu vy’impwemu, ni igiki yatakaje?
13 Abisirayeli bo mu vy’umubiri botanze igitigiri cuzuye c’abogize uruhara kumwe na Mesiya mu Bwami bwiwe bw’ijuru bagize ubwami bw’abaherezi n’ihanga ryeranda. Mugabo, ntibakengurutse iragi ryabo ry’agaciro. Amasigarira gusa y’Abisirayeli bo mu vy’umubiri ni bo bemeye Mesiya aho aziye. Ico vyavuyemwo ni uko igitigiri gitoyi gusa ari co cashizwe mu bwami bw’abaherezi bwari bwarabuwe. Ubwami bwaratswe Isirayeli yo mu vy’umubiri maze “[bu]habga ihanga ryama imbuto zabgo.” (Matayo 21:43) Iryo hanga ni irihe?
Intoranwa yo mw’Ijuru
14, 15. (a) Inyuma y’urupfu rwa Yezu, amahanga yatanguye kwihesha umuhezagiro gute biciye kuri rwa “rubuto” rwa Aburahamu? (b) Ni igiki Abagize “Israeli y’Imana” baronka bwa ntoranwa?
14 Ihanga ryahawe ubwo Bwami ni “Israeli y’Imana,” (UB) ari yo Isirayeli yo mu vy’impwemu, igizwe n’abayoboke ba Yezu Kirisitu bavyawe n’impwemu 144.000. (Abagalati 6:16; Ivyahishuriwe 5:9, 10; 14:1-3) Bamwebamwe muri abo 144.000 bari Abayuda bo mu vy’umubiri, mugabo benshi bakomoka mu bihugu Binyamahanga. Muri ubwo buryo, umuhango Yehova yahaye Aburahamu w’uko biciye ku “rubuto” (NW) rwiwe amahanga yose yohezagiwe, wari utanguye kuranguka. (Ivyakozwe 3:25, 26; Ab’i Galatiya 3:8, 9) Muri iryo ranguka rya mbere, abantu bo mu mahanga barasizwe impwemu yera maze Yehova Imana aba abagize nk’abana biwe bo mu vy’impwemu, abavukanyi ba Yezu Kirisitu. Gutyo, na bo nyene bacitse umuce wa kabiri w’urwo “rubuto” (NW).—Ab’i Galatiya 3:28, 29.
15 Imbere y’uko apfa, Yezu yaratanguje isezerano rishasha, iryokwemejwe n’amaraso yiwe bwite, kuri abo Bayuda bari baraririye kuzoba mu bagize iryo hanga rishasha. Hishimikijwe ukwizera bafise muri iyo nkuka y’icemezo, abo bajanywe muri iryo sezerano bogizwe “intungane ubutakihava.” (Abahebreyi 10:14-18, UB) Boshoboye “gutangazwa ko ari abagororotsi” kandi ivyaha vyabo bigaharirwa. (1 Ab’i Korinto 6:11, NW) Muri ubwo buryo rero, bameze nk’uko Adamu yari ameze imbere yuko acumura. Ariko rero, abo ntibaraririye kuba mw’iparadizo yo kw’isi. Yezu yavuze yuko agiye kubategurira ikibanza mw’ijuru. (Yohana 14:2, 3) Baraheba ivyizigiro vyabo vyo kuba kw’isi kugira ngo baronke ‘umwandu babikiwe mw’ijuru.’ (1 Petero 1:4) Bahakorera iki? Yezu yasiguye ati: “Ngiranye namwe isezerano . . . ku bw’ubwami.”—Luka 22:29, NW.
16. Ni igikorwa ikihe c’akaroruhore Abakirisu basizwe baraririye gushingwa?
16 Bari mw’ijuru, abazoganza kumwe na Kirisitu, mu bintu bazokora harimwo gufasha gukura kw’isi amakanda yose y’ukugarariza ubusegaba bwa Yehova. (Ivyahishuriwe 2:26, 27) Bwa muce ugira kabiri w’urubuto rwo mu vy’impwemu rwa Aburahamu, bazogira uruhara mu vy’ukuzanira abantu bo mu mahanga yose umuhezagiro w’ubuzima buzira agasembwa. (Abaroma 8:17-21) Ese ukuntu ari intoranwa y’agaciro bafise!—Abanyefeso 1:16-18.
17. Ni imice iyihe y’iragi ryabo Abakirisu basizwe binovora mu gihe bakiri kw’isi?
17 Mugabo, iragi ry’abayoboke basizwe ba Yezu si iryo muri kazoza gusa. Mu buryo ata wundi muntu yobishobora, Yezu yarabafashije kumenya Yehova, ya Mana imwe rudende y’ukuri. (Matayo 11:27; Yohana 17:3, 26) Biciye mu mvugo no ku karorero, yabigishije ico ‘kwizigira Yehova’ bisobanura be n’ico kugamburukira Yehova bisaba. (Abaheburayo 2:13; 5:7-9) Yezu yabahaye ubumenyi bw’ukuri kwerekeye umugambi w’Imana yongera abakura amazinda yuko impwemu yera yobayoboye kugira barushirize kugutahura mu buryo bwuzuye. (Yohana 14:24-26) Yashize mu mizirikanyi no mu mitima yabo akamaro k’Ubwami bw’Imana. (Matayo 6:10, 33) Yezu kandi yabahaye igikorwa co gushinga intahe no guhindura abantu abigishwa i Yeruzalemu, i Yudaya, i Samariya, no gushitsa ku mpera y’isi.—Matayo 24:14; 28:19, 20; Ivyakozwe 1:8.
Iragi ry’Agaciro ku bw’Ishengero Ryinshi
18. Ni mu buryo ki umuhango Yehova yatanze w’uko amahanga yose azokwihesha umuhezagiro biciye ku “rubuto” rwa Aburahamu uriko uraranguka muri iki gihe?
18 Bisa n’uko igitigiri cuzuye ca Isirayeli yo mu vy’impwemu, bwa “busho buto” bw’abazoragwa Ubwami, carobanuwe. (Luka 12:32) Kuva mu myaka mirongo iheze, Yehova ashira umutima kw’itororokanywa ry’ishengero ryinshi ry’abandi bava mu mahanga yose. Gutyo rero, umuhango Yehova yahaye Aburahamu w’uko biciye ku “rubuto” rwiwe amahanga yose yokwihesheje umuhezagiro uriko uraranguka mu buryo bwagutse. N’umunezero mwinshi, abo bantu bahezagiwe na bo nyene bararangurira Yehova umurimo mweranda kandi bakemera icese yuko ubukiriro bwabo buhagaze ku kwizera Umwagazi w’Intama w’Imana, Yezu Kirisitu. (Ivyahishuriwe 7:9, 10) Woba waremeye akamo karanga ubugwaneza Yehova agutera ko kuba muri uwo mugwi uhimbawe?
19. Abo mu mahanga ubu bahezagiwe guhanga amaso irihe ragi?
19 Ni iragi ry’agaciro irihe Yehova aha abari mu busho buto? Emwe, si intoranwa yo mw’ijuru. Ni iragi Adamu yari gushobora gusigira uruvyaro rwiwe—ni ukuvuga icizigiro c’ubuzima budahera buzira agasembwa mw’iparadizo izogenda buhorobuhoro ikwira umubumbe wose. Izoba ari isi aho “urupfu [ruta]zoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho.” (Ivyahishuriwe 21:4) Ni wewe rero aya Majambo yahumetswe y’Imana abwira, agira ati: “Wizigire Uhoraho, ukore ivyiza, guma mu gihugu, ushishikare ivy’ukuri. Uhimbarwe n’Uhoraho, na we azoguha ivyo umutima wawe ugomba. Kuko hasigaye igihe gito, umunyakibi ntabeho . . . Arikw abagwaneza bazoragwa igihugu, bazonezererwa amahoro y’umusēsekara. Abagororotsi bazoragwa igihugu, bakibemw’ibihe bidashira.”—Zaburi 37:3, 4, 10, 11, 29.
20. “Izindi ntama” zinovora gute vyinshi mw’iragi ryo mu vy’impwemu ry’Abakirisu basizwe?
20 “Izindi ntama” za Yezu zifise intoranwa mu karere ko kw’isi k’Ubwami bwo mw’ijuru. (Yohana 10:16a) Naho batazoba mw’ijuru, vyinshi mw’iragi ryo mu vy’impwemu abasizwe binovora barabisigirwa. Biciye ku mugwi w’abasizwe tubafatiye hamwe, ari bo “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge,” (NW) ni ho izindi ntama zugururiwe ugutahura imihango y’agaciro iri mw’Ijambo ry’Imana. (Matayo 24:45-47; 25:34) Bahurikiye hamwe, abasizwe n’izindi ntama barazi kandi barasenga ya Mana imwe rudende y’ukuri, Yehova. (Yohana 17:20, 21) Bahurikiye hamwe, barakurira ubwatsi Imana ku bw’agaciro mpongeravyaha k’inkuka ya Yezu. Basenyera ku mugozi umwe nk’umukuku umwe uragirwa n’Umwungere umwe, ari we Yezu Kirisitu. (Yohana 10:16b) Bose bari mu bagize umuvukano urangwa urukundo, ukwiye ku mubumbe wose. Basangiye agateka ko kuba Ivyabona vya Yehova n’ivy’Ubwami bwiwe. Egome, niba uri umusavyi wa Yehova yiyeguye kandi yabatijwe, ivyo vyose birimwo mw’iragi ryawe ryo mu vy’impwemu.
21, 22. Twese dushobora gute kwerekana ko dukunda cane iragi ryacu ryo mu vy’impwemu?
21 Iryo ragi ryo mu vy’impwemu rifise agaciro kuri wewe ku rugero rungana iki? Ugutuma ugukora ivy’Imana igomba biba co kintu gihambaye kuruta vyose mu buzima bwawe, woba ubiha agaciro mu buryo bukwiriye? Mu kubigaragaza, woba ukurikiza impanuro y’Ijambo ryayo be n’iz’ishirahamwe ryayo yo kwitaba amakoraniro yose y’ishengero rya gikirisu ubudahorereza? (Abaheburayo 10:24, 25) Iryo ragi ryoba rifise agaciro kuri wewe ku buryo ubandanya gukorera Imana naho hoba amagume? Ukurikenguruka kwawe kwoba gukomeye bihagije ku buryo bigukomeza ukananira inyosha mbi yose yo gukurikirana ingendo yohava ituma uritakaza?
22 Ese twese twokunda cane iryo ragi ryo mu vy’impwemu Imana yaduhaye. Mu gihe tugihanze amaso Iparadizo iri imbere, nimuze tugire uruhara mu buryo bwuzuye mu duteka two mu vy’impwemu Yehova ariko araduha ubu. Mu kwubakira koko ubuzima bwacu ku bucuti dufitaniye na Yehova, turatanga ikimenyamenya kijijura c’ukuntu vy’ukuri iragi ryatanzwe n’Imana rifise agaciro kuri twebwe. Ese twoba mu bavuga bati: “Mana yanje, Mwami wanje, ndagushira hejuru; nzoshemagiza izina ryawe ibihe bitazoshira.”—Zaburi 145:1.
Wobisigura Gute?
• Iyo Adamu aba intahemuka ku Mana, ni iragi irihe yari kudusigira?
• Uruvyaro rwa Aburahamu rwafashe gute intoranwa yari ihari ku bwabo?
• Iragi ry’abayoboke ba Kirisitu basizwe ririmwo n’ibiki?
• Iragi ry’ishengero ryinshi ni irihe, kandi bashobora kwerekana gute ko barikenguruka koko?
[Ifoto ku rup. 29]
Uruvyaro rwa Aburahamu rwahawe umuhango w’intoranwa y’agaciro
[Ifoto ku rup. 31]
Woba ukenguruka iragi ryawe ryo mu vy’impwemu?