‘Igihe Ciwe Nticaribwagere’
“Ntihagira ūmukozako n’intoke, kukw igihe ciwe kitaribgagere.”—YOHANA 7:30.
1. Ni ibintu bibiri ibihe vyagenga ivyo Yezu yakoze?
“UMWANA w’umuntu [ntiya]zanywe no gukorerwa, atar’ugukorera abandi, no gutanga ubugingo bgiwe kw incungu ya benshi.” Ukwo ni ko Yezu Kirisitu yabwiye intumwa ziwe. (Matayo 20:28) Yabwiye buramatari w’Umuroma Ponsiyo Pilato ati: “Iki ni co navukiye, kand’iki ni co canzanye mw isi, n’ukugira ngo nshingire intahe ukuri.” (Yohana 18:37) Yezu yari azi neza na neza igituma yopfuye be n’igikorwa yari akeneye gukora imbere y’uko apfa. Yari azi kandi umwanya yari afise kugira ngo arangure igikorwa yashinzwe. Igikorwa ciwe kw’isi ari Mesiya categerezwa kuba ic’imyaka itatu n’igice gusa. Catanguranye n’ukubatizwa kwiwe mu mazi mu Ruzi Yorodani (mu 29 G.C.) mu ntango ya rya yinga rigira 70 ry’ikigereranyo ryari ryarabuwe, maze kirangirana n’ugupfa kwiwe ku giti co kubabarizwako iryo yinga rigeze hagati (mu 33 G.C.). (Daniyeli 9:24-27; Matayo 3:16, 17; 20:17-19) Kubera ico, ivyo Yezu yakoze kw’isi vyose vyagengwa canecane n’ibintu bibiri: intumbero y’ukuza kwiwe be n’ukwitwararika ivy’umwanya.
2. Yezu Kirisitu adondorwa gute mu Njili, kandi yerekanye gute ko azi ivyerekeye igikorwa ciwe?
2 Inkuru zo mu Njili zidondora Yezu Kirisitu bwa mu muntu w’umunyabikorwa yagenze igihugu cose c’i Palesitina, amenyekanisha inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana yongera akora ibikorwa vyinshi vy’ububasha. Mu gihe c’igice ca mbere c’igikorwa Yezu yakoranye ingoga, havugwa ibimwerekeye ngo: “Igihe ciwe [ntica]ribgagere.” Yezu ubwiwe yavuze ati: “Igihe canje [ntiki]ragera.” Yimirije kurangiza igikorwa ciwe, yakoresheje iyi mvugo ngo “igihe kirageze.” (Yohana 7:8, 30; 12:23) Ukuba Yezu yari azi umwanya canke igihe c’igikorwa yashinzwe, harimwo n’urupfu rwiwe rwo gutangwako inkuka, bitegerezwa kuba vyaragize ico bikoze ku vyo yavuze no ku vyo yakoze. Dutahuye ivyo bintu vyagize ico bikoze kuri we, birashobora gutuma dutegera kamere yiwe be n’icitegererezo c’ivyiyumviro vyiwe, bikadufasha kurushiriza “[kugera] ikirenge mu ciwe.”—1 Petero 2:21.
Yiyemeje Gukora Ivyo Imana Igomba
3, 4. (a) Ni ibiki bishika ku bugeni i Kana? (b) Ni kuki Umwana w’Imana ahakana inama agiriwe na Mariya yuko akwiye kugira ikintu akoze ku vyerekeye umuvinyu wari ukamye, kandi ni igiki dushobora kwigira kuri ivyo?
3 Ni mu mwaka wa 29 G.C. Haheze gusa imisi mikeyi kuva Yezu ubwiwe arobanuye abigishwa biwe ba mbere. Ubu bose baje gutaha ubugeni mu gisagara c’i Kana mu ntara y’i Galilaya. Mariya, nyina wa Yezu, na we nyene ni ho ari. Umuvinyu urakamye. Mu kumuha iciyumviro c’uko akwiye kugira ikintu akoze, Mariya amubwira ati: “Nta vino bafise.” Mugabo Yezu yishura ati: “Duhūriye hehe ga nyina wanje? Igihe canje ntikiragera.”—Yohana 1:35-51; 2:1-4.
4 Inyishu ya Yezu ngo “Duhūriye hehe ga nyina wanje?” ni inyubako ya kera y’ikibazo yerekana uguhakana ico umuntu agiriwe inama canke ashikirijwe. Ni kuki Yezu yanse gukurikiza amajambo ya Mariya? Urabona, ubu afise imyaka 30 y’amavuka. Amayinga makeyi gusa y’imbere yaho, yarabatijwe, asigwa impwemu yera, yongera avugwa na Yohani Umubatizi ko ari “Umwagazi w’intama w’Imana akūrah’icaha c’abari mw isi.” (Yohana 1:29-34; Luka 3:21-23) Ubu rero ubuyobozi akurikiza ni ngombwa ko butegerezwa kuva ku Mukuru Kaminuza yamurungitse. (1 Ab’i Korinto 11:3) Nta n’umwe, mbere n’uwo mu muryango wa hafi, yoshoboye kurekwa ngo yisuke mu vy’igikorwa Yezu yaje gukora kw’isi. Ese ukuntu umwiyemezo wo gukora ivyo Se agomba waseruwe mu nyishu Yezu yahaye Mariya! Nimuze na twe twiyemeze nk’ukwo nyene kurangura ivyo ‘dutegerezwa vyose’ (NW), ku Mana.—Umusiguzi 12:13.
5. Ni igitangaro ikihe Yezu Kirisitu akorera i Kana, kandi kigira ico gikoze gute ku bandi?
5 Kubera atahuye amajambo y’umwana wiwe, Mariya aciye azibukira buno nyene maze abwiriza abasuku ati: “Ic’ababgira cose mugikore.” Hanyuma Yezu aratorera umuti iyo ngorane. Ategeka abasuku kwuzuza intango amazi, hanyuma ahindura ayo mazi umuvinyu uryoshe kuruta. Ico kiba nk’intango y’ububasha bwa Yezu bw’ugukora ibitangaro, bitanga ikimenyetso c’uko impwemu y’Imana iri kuri we. Abigishwa bashasha babonye ico gitangaro, ukwizera kwabo kurakomezwa.—Yohana 2:5-11.
Umunyeshaka ku bw’Inzu ya Yehova
6. Ni kuki Yezu ashavuzwa n’ivyo abonye mu rusengero i Yeruzalemu, kandi ni igikorwa ikihe akora?
6 Urushana rwo mu 30 G.C. rurimirije, kandi Yezu n’abagendanyi biwe bari mu nzira baja i Yeruzalemu guhimbaza Pasika. Bariyo, abigishwa biwe babona Indongozi yabo ariko akora ibintu mu buryo kumbure bataribwigere babona akora. Abadandaza b’Abayuda b’umwina bariko bagurishiriza ibitungwa n’inyoni bigenewe ibimazi imbere mu rusengero. Kandi bariko barazimba cane Abayuda b’intahemuka basenga Imana. Yuzuye ishavu, Yezu arabihagurukira. Atsiba imigozi ayigira nk’ikimoko, maze ahindira hanze abo bacuruza. Asesa ibingorongoro vy’abavunji b’amahera, ahenagura amameza yabo. Abwiriza abariko baragurisha inuma ati: “Ni mukūreh’ivyo!” Igihe abigishwa ba Yezu bamubonye akorana umwete nk’uyo, baca bibuka ubuhanuzi bwerekeye Umwana w’Imana buvuga ngo “Ishaka ry’inzu yawe rizondya.” (Yohana 2:13-17; Zaburi 69:9) Na twebwe nyene dutegerezwa kwirinda n’ishaka ryinshi kureka ngo impengamiro z’iyi si zanduze ugusenga kwacu.
7. (a) Ni igiki gituma Nikodemu agendera Mesiya? (b) Ni igiki twigira ku gushinga intahe kwa Yezu ku mugore w’Umusamariyakazi?
7 Ari i Yeruzalemu, Yezu akora ibimenyetso vyibonekeje, maze abantu benshi baramwizera. Na Nikodemu, umwe mu bagize Ikombe, ari yo sentare nkuru y’Abayuda, aratangazwa na Yezu maze aza kuri we mw’ijoro kugira ngo amenye vyinshi. Maze Yezu n’abigishwa biwe bamara mu “gihugu c’i Yudaya” nk’amezi munani, bamamaza inkuru nziza bongera bahindura abantu abigishwa. Ariko rero, Yohani Umubatizi amaze gushirwa mw’ibohero, baca bava i Yudaya baja i Galilaya. Baciye mu ntara y’i Samariya, Yezu ntagisha akaryo ko gushinga intahe inogangije ku mugore w’Umusamariyakazi. Ivyo bicira Abasamariya benshi inzira yo gucika abizera. Nimuze na twe tube maso ntiducikwe n’uturyo two kuvuga ivyerekeye Ubwami.—Yohana 2:23; 3:1-22; 4:1-42; Mariko 1:14.
Inyigisho Ishika Kure i Galilaya
8. Yezu atangura igikorwa ikihe i Galilaya?
8 Imbere y’uko “igihe” c’ugupfa kwa Yezu gishika, afise vyinshi akora mu murimo wa Se wo mw’ijuru. I Galilaya, Yezu atangura igikorwa mbere gihambaye kuruta ico yakoze i Yudaya n’i Yeruzalemu. Yezu agendagenda “i Galilaya hose, yigisha mu masinagogi yabo, ababgira ubutumwa bgiza bg’ubgami, akiza indwara n’ubumuga vy’uburyo bgose mu bantu.” (Matayo 4:23) Amajambo yiwe akomeye ngo “Mwihane, kuk’ubgami bgo mw ijuru buri hafi,” asamirana muri iyo ntara yose. (Matayo 4:17) Mu mezi makeyi, igihe abigishwa babiri ba Yohani Umubatizi baje kurondera inkuru y’imvaho ku vyerekeye Yezu, ababwira ati: “Ni mugende, mubarire Yohana ivyo mubonye n’ivyo mwumvise. Impumyi zirahumūka, abacumbagira bagenda neza, abanyamibembe barakizwa, ibipfamatwi birumva, abāpfuye barazurwa, aboro barabgirwa ubutumwa bgiza. Kandi hahirwa uwo ivyanje bitazotsitaza.”—Luka 7:22, 23.
9. Ni kuki ishengero risegenyukira kuri Kirisitu Yezu, kandi ni icigwa ikihe dushobora gukura kuri ivyo?
9 ‘Inkuru ya Yezu ikwira mu gihugu cose kihakikije,’ maze ishengero ryinshi risegenyukira kuri we—bavuye i Galilaya, i Dekapoli, i Yeruzalemu, i Yudaya, no hakurya y’Uruzi Yorodani. (Luka 4:14, 15; Matayo 4:24, 25) Ntibaza kuri we kubera gusa ugukiza kwiwe ku gitangaro, mugabo kandi kubera inyigisho ziwe z’akaroruhore. Ubutumwa bwiwe burakwegera kandi bukaremesha. (Matayo 5:1–7:27) Amajambo ya Yezu ni ay’igikundiro kandi arahimbaye. (Luka 4:22) Ishengero “ritangazwa n’inyigisho ziwe,” kubera avugana ubukuru ibiva mu Vyanditswe. (Matayo 7:28, 29; Luka 4:32) Mbega ni nde atokwegerwa n’umuntu nk’uyo? Nimuze na twe dutsimbataze ubuhanga bw’ukwigisha ku buryo abantu b’imitima nziraburyarya bazokwegerwa ku kuri.
10. Ni kuki abantu bo mu gisagara c’i Nazareti bagerageza kwica Yezu, kandi ni kuki bananiwe kubigira?
10 Ariko rero, si abumviriza Yezu bose bavyakira neza. No mu ntango y’igikorwa ciwe igihe ariko arigisha mw’isinagogi yo mu gisagara ciwe c’amavukiro i Nazareti, baragerageza kumwica. Naho abantu bo muri ico gisagara batangazwa n’“amajambo y’igikundiro” yiwe, bashaka kubona ibitangaro. Ariko rero, aho kuhakorera ibikorwa vyinshi vy’ububasha, Yezu ashira ku kabarore ubwikunzi n’ukubura ukwizera vyabo. Abari mw’isinagogi ishavu riraniga, bava hasi, bafata Yezu, maze bamukururira ku manga y’umusozi kugira ngo bamuraririze atanguze umutwe ku gitandara. Mugabo arabacika maze aca arigira adora. “Igihe” c’ugupfa kwiwe nticaribwagere.—Luka 4:16-30.
11. (a) Ni kuki abarongozi bamwebamwe b’amadini baza kwumviriza Yezu? (b) Ni kuki Yezu yagirizwa ko arenze Isabato?
11 Abarongozi b’amadini—ni ukuvuga abanyabwenge b’ivyanditswe, Abafarizayo, Abasadukayo n’abandi—na bo nyene kenshi baba bahari igihe Yezu yigisha. Benshi muri bo ni ho bari, atari kwumviriza no kwiga, mugabo kugira ngo bamutore amahinyu kandi bagerageze kumutega. (Matayo 12:38; 16:1; Luka 5:17; 6:1, 2) Nk’akarorero, ariko agendera Yeruzalemu ku bwa Pasika yo mu 31 G.C., Yezu akiza umuntu yari amaze imyaka 38 arwaye. Abarongozi b’idini y’Abayuda bagiriza Yezu ko arenze Isabato. Yishura ati: “Data arakora kugeza n’ubu, nanje ndakora.” Ubu na ho Abayuda bamwagiriza ko arogose kubera avuze ko ari Umwana w’Imana mu kuyita Data. Barondera kwica Yezu, mugabo we n’abigishwa biwe bava i Yeruzalemu baja i Galilaya. Nk’ukwo nyene, vyoba biranga ubukerebutsi twirinze guhangana n’abaturwanya bidakwiriye, mu gihe duhebera inguvu zacu mu gikorwa c’ukwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa.—Yohana 5:1-18; 6:1.
12. Yezu ahetura akarere k’i Galilaya ku rugero rungana iki?
12 Nko mu kiringo c’umwaka n’igice inyuma yaho, Yezu ahanini igikorwa ciwe agikorera i Galilaya, akaja aragendera Yeruzalemu gusa kugira yitabe imisi mikuru itatu y’Abayuda igirwa ku mwaka ku mwaka. Mu bisanzwe, yagize ingendo zitatu z’ukwamamaza inkuru nziza i Galilaya: urwa mbere ari kumwe n’abigishwa bashasha 4, urwa kabiri ari kumwe n’intumwa 12, hamwe na rumwe rurerure ari kumwe n’intumwa zamenyerejwe na zo nyene zikaba ari izirungikwa mu gikorwa. Ese ukuntu ari intahe ishika kure ishingiwe ukuri i Galilaya!—Matayo 4:18-25; Luka 8:1-3; 9:1-6.
Ugushinga Intahe n’Uburindutsi i Yudaya n’i Pereya
13, 14. (a) Ni mu gihe ikihe Abayuda barondera gufata Yezu? (b) Ni kuki abagendanyi bananirwa gufata Yezu?
13 Ni mu gatasi ko mu 32 G.C., kandi “igihe” ca Yezu kiracari imbere. Umusi Mukuru w’Insago uri hafi. Bene nyina wa Yezu ico gihe bamuhimiriza bati: “N’uve ino, uje i Yudaya.” Bashaka yuko Yezu yereka ububasha bwiwe bwo gukora ibitangaro abantu bose batororokaniye ku misi mikuru i Yeruzalemu. Naho ari ukwo, Yezu arazi ingeramizi birimwo. Ni co gituma abwira bene nyina ati: “Jeho sindayidūgako, kukw igihe canje kitaragera.”—Yohana 7:1-8.
14 Atevye i Galilaya igihe kinaka, Yezu aca aduga i Yeruzalemu “[at]ibonekeza, arikw agenda nk’uwomba.” Abayuda mu vy’ukuri bariko bamurondera kuri iyo misi mikuru, bavuga bati: “Mbega wa wundi ari hehe?” Imisi mikuru igeze hagati, Yezu agenda mu rusengero maze n’uburindutsi bwinshi atangura kwigisha. Barondera kumufata, kumbure kugira ngo bamute mw’ibohero canke kugira bamwicishe. Yamara ntibererwa kubera ‘igihe ciwe kitaragera.’ Benshi buno barizera Yezu. N’abagendanyi Abafarizayo barungitse kugira ngo bamufate basubira inyuma imbokoboko, bavuga bati: “Erega ntihigeze kuboneka umuntu avuga nka we.”—Yohana 7:9-14, 30-46.
15. Ni kuki Abayuda banobagura amabuye ngo bayatere Yezu, kandi ni isekeza irihe ry’ukwamamaza Yezu atangura ubukurikira?
15 Ukutumvikana hagati ya Yezu n’Abayuda bamurwanya kurabandanya igihe yigisha ivyerekeye Se mu rusengero mu gihe c’iyo misi mikuru. Ku musi wa nyuma w’iyo misi mikuru, Abayuda barakajwe n’amajambo Yezu avuze yerekeye ukubaho kwiwe imbere y’uko aba umuntu, banobagura amabuye ngo bayamutere. Mugabo arinyegeza maze ahunga batamuriye n’urwara. (Yohana 8:12-59) Yezu aguma inyuma y’i Yeruzalemu, atangura isekeza ry’ugushinga intahe ikomeye i Yudaya. Arobanura abigishwa 70, hanyuma amaze kubaha amabwirizwa, abarungika babiribabiri gukora muri ako karere. Bitangira imbere ahantu hose no mu gisagara cose Yezu ategekanya kuja, aherekejwe n’intumwa ziwe.—Luka 10:1-24.
16. Yezu akira ingeramizi iyihe mu gihe c’imisi mikuru yo kwibuka uguhumanurwa kw’urusengero, kandi ni igikorwa ikihe gisubira kumufatira?
16 Mu gatasi ko mu 32 G.C., “igihe” ca Yezu kiriko kirarushiriza kwegereza. Aza i Yeruzalemu ku misi mikuru yo kwibuka uguhumanurwa kw’urusengero. Abayuda baracarondera kumwica. Yezu ariko agendagenda mw’ibaraza ry’urusengero, baramukikiza. Bongera kumwagiriza ko arogota, banobagura amabuye ngo bamwice. Mugabo nk’uko yabigize mu bihe vy’imbere yaho, Yezu arahunga. Bidatevye yigishiriza ku nzira, ico gihe ava mu gisagara aja mu kindi, ava mu kigwati aja mu kindi mu ntara y’i Pereya, hakurya ya Yorodani uvuye i Yudaya. Kandi benshi baramwizera. Mugabo ubutumwa bwerekeye umukunzi wiwe Lazaro butumye asubira i Yudaya.—Luka 13:33; Yohana 10:20-42.
17. (a) Ni ubutumwa bwihutirwa ubuhe Yezu aronka mu gihe ariko yamamaza inkuru nziza i Pereya? (b) Ni igiki cerekana yuko Yezu azi intumbero y’igikorwa ategerezwa gukora be n’igihe ibintu bishikirako?
17 Ubwo butumwa bwihutirwa buvuye kwa Marita na Mariya, bashiki ba Lazaro, ababa i Betaniya i Yudaya. Intumwa ivuga iti: “Mugenzi wa wundi ukunda ararwaye.” Yezu yishura ati: “Iyo ndwara s’iyo kumwica, ariko n’iyo gushimagirisha Imana, kugira ngo n’Umwana w’Imana imushimagirishe.” Kugira ngo ashitse iyo ntumbero, Yezu aguma aho ari n’ibigirankana imisi ibiri. Maze abwira abigishwa biwe ati: “Dusubire i Yudaya.” Baranse kwemera, bishura bati: “Mwigisha, Abayuda baheruka gushaka kugutera amabuye, non’usubireyo?” Mugabo Yezu arazi yuko “isaha z’umurango” zisigaye ari co gihe Imana yashingiye igikorwa ciwe co kw’isi, ari kigufi. Arazi neza na neza ico ategerezwa gukora be n’igituma.—Yohana 11:1-10.
Igitangaro Ata Numwe Yokwirengagije
18. Yezu ashitse i Betaniya, asanze ibintu vyifashe gute, kandi ni ibiki biba amaze gushika?
18 I Betaniya, Marita ni we muntu wa mbere ahwana na Yezu, akavuga ati: “Mugenzi, iy’uba wari hano, musanzanje ntaba yāhwereye.” Mariya n’abandi bari baje mu nzu yabo barakurikira. Bose bariko bararira. Yezu abaza ati: “Mwamutaye hehe?” Bishura bati: “Mugenzi, ngwino urābe.” Bashitse ku mva y’icibutso—rikaba ryari isenga ryugajwe ikibuye ku bwinjiriro—Yezu avuga ati: “Ni mukūreh’iryo buye.” Kubera adatahura ico Yezu agabirije gukora, Marita arahakana ati: “Mugenzi, ereg’ubu aramaze kunuka, kw amaze imisi ine.” Mugabo Yezu abaza ati: “Sinakubgiye nti Ni wizera urabona ubgiza bg’Imana?”—Yohana 11:17-40.
19. Ni kuki Yezu asenga ku mugaragaro imbere y’ukuzura Lazaro?
19 Ikibuye cugaye ubwinjiriro bw’imva ya Lazaro gikuweho, Yezu asenga n’ijwi rirenga kugira ngo abantu baze kumenya yuko ivyo agira akore biranguka biciye ku bubasha bw’Imana. Maze asemerera n’ijwi rirenga ati: “Lazaro, ngwino, sohoka!” Lazaro arasohoka akizingiriweko ku maguru no ku maboko impuzu yahambanywe n’igitambara gipfutse mu maso hiwe. Yezu avuga ati: “Ni mumuhamburure, mumureke, agende.”—Yohana 11:41-44.
20. Ababona Yezu azura Lazaro bavyakira gute?
20 Babonye ico gitangaro, benshi mu Bayuda bari baje kwirura Marita na Mariya barizera Yezu. Abandi bagenda kubwira Abafarizayo ivyabaye. Bavyakira gute? Buno nyene, bo hamwe n’abaherezi bakuru baca bahamagaza inama yihutirwa y’Abanyekombe. N’ubwoba n’akantu, bidoga bati: “Mbega, tugire dute, k’uyu muntu akora ibimenyetso vyinshi? Ni twamurekeraho durtyo, bose bazohava bamwizera, kand’Abaroma bazoza batikize igisagara cacu n’ubgoko bgacu.” Mugabo Umuherezi Mukuru Kayafa ababwira ati: “Nta co mwiyumvira yukw ar’ibibereye kubganyu k’umuntu umwe apfira abantu, hak’ubgoko bgose buhona.” Rero, guhera uwo musi baja inama yo kwica Yezu.—Yohana 11:45-53.
21. Igitangaro c’izuka rya Lazaro ni intangamarara y’iki?
21 Ukwo ni ko mu guteba gushika i Betaniya Yezu ashoboye gukora igitangaro ata n’umwe yoshobora kwirengagiza. Ahawe ububasha n’Imana, Yezu arazuye umuntu yari amaze imisi ine apfuye. N’Abanyekombe bubahitse babwirijwe kubimenya, maze bacira urubanza rwo gupfa uwo Mukozi w’Ibitangaro! Gutyo ico gitangaro kiba nk’intangamarara y’ihinduka rihambaye mu gikorwa ca Yezu—ni ukuvuga ikiringo c’aho “igihe ciwe kitaribgagere” gihinduka aho ‘igihe cari kigeze.’
Wokwishura Gute?
• Yezu yerekanye gute yuko yari azi ivyerekeye igikorwa yashinzwe n’Imana?
• Ni kuki Yezu yanka inama agiriwe na nyina wiwe ku vyerekeye umuvinyu?
• Ni igiki dushobora kwigira ku buryo Yezu kenshi yavyifatamwo imbere y’abamurwanya?
• Ni kuki Yezu ateba kugira ico akoze ku vyerekeye indwara ya Lazaro?
[Ifoto ku rup. 10]
Yezu yahebeye inguvu ziwe ibanga yashinzwe n’Imana