Ivyabona vya Yehova—Batera Baja Imbere Bafise Ukujijuka Gushikamye!
Raporo y’Ikoraniro ry’Umwaka
MURI iyi misi y’inkeka n’amakenga, Ivyabona vya Yehova baratandukanye n’abandi mu kuba Abakirisu bafise ukujijuka gushikamye. Ivyo vyaratomowe kw’ikoraniro ry’umwaka rya sosiyete Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania, ryabereye ku Ngoro y’Amateraniro y’Ivyabona vya Yehova yo mu Gisagara c’i Jersey, ku wa Gatandatu igenekerezo ry’7 Gitugutu 2000.a
Mu majambo yiwe yo kwugurura, umuhagarikizi, John E. Barr, umwe mu bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova, yavuze ati: “Mu bantu amamiliyaridi bose bari kw’isi, twebwe turazi kandi turemera yuko Umwana wa Yehova mukundwa, Kirisitu Yezu, ubu yarashizwe ku ngoma mw’ijuru, akaba ategeka hagati y’abansi biwe.” Ibimenyamenya vy’ukwo kujijuka gushikamye vyaremejwe n’amaraporo yeza umutima atandatu avuye hirya no hino kw’isi.
Gutsinda Ubupfumu Hakoreshejwe Ukuri kwa Bibiliya Muri Hayiti
Ubupfumu bureze cane muri Hayiti. Umuhuzabikorwa wa Komite y’Ishami John Norman yiganye ati: “Kenshi na kenshi, abantu barisuka mu nsengo y’ibintazi yitwa voodoo kugira ngo bikingire.” Umupfumu umwe yaratsimbataje inkeka igihe yacika ukuguru mw’isanganya. Yibajije ati: ‘Ivyo vyari gushobora gute kunshikira iyo mba nari nkingiwe n’imizimu?’ Cokimwe n’abandi benshi, uwo mugabo yarigishijwe ukuri n’Ivyabona vya Yehova maze arafashwa kwiganzura ivy’ubupfumu. Ivyerekana ko muri Hayiti haraririye iyongerekana ni uko ku wa 19 Ndamukiza 2000, abantu bashika incuro zine z’igitigiri c’abamamaji b’Ubwami bo muri ico gihugu bitavye Icibutso c’urupfu rwa Kirisitu.
Umwete mu Cibare Kinini ca Koreya
Muri Koreya, ibice 40 kw’ijana vy’Ivyabona vya Yehova bari mu murimo w’igihe cose. Umuhuzabikorwa wa Komite y’Ishami Milton Hamilton yavuze ati: “Kubera izo ngabo isinzi, icibare twakebewe kirimwo abantu barenga imiliyoni 47 giheturwa nka rimwe ku kwezi.” Iyongerekana mu mashengero akoresha imvugo y’ibimenyetso riribonekeza bidasanzwe. Mu muzunguruko umwe ukoresha imvugo y’ibimenyetso, inyigisho 800 za Bibiliya zo ku mihana ziriko zirayoborwa. Iyo ni incahagati y’inyigisho imwe ku mwamamaji. Ikibabaje, abavukanyi bakiri bato baracapfungwa bazizwa ukutagira aho begamiye kwabo. Naho ari ukwo, abo Bakirisu b’abizerwa barafatwa neza kandi kenshi bagahabwa ibikorwa bisaba kuba umwizigirwa.
Gushitsa Ico Iyongerekana Risaba Muri Megizike
Igitigiri c’agaheta c’abamamaji b’Ubwami bagera ku 533.665 baratanze raporo y’umurimo wo mu ndimiro muri Megizike muri Myandagaro 2000. Abantu barenga incuro zitatu z’ico gitigiri baritavye Icibutso. Umuhuzabikorwa wa Komite y’Ishami Robert Tracy yavuze ati: “Intumbero yacu muri uyu mwaka ni ukwubaka izindi Ngoro z’Ubwami 240.” Yongeyeko ati: “Naho ari ukwo, turacakeneye izindi nyinshi.”
Urwaruka rwo mu Vyabona vya Yehova muri Megizike ni ntangakarorero. Ku biraba uwukiri muto umwe, hari umusaseredoti w’Umugatolika yavuze ati: “Nipfuza kuronka umwe gusa ameze nka we mu bayoboke banje. Ndashima ukuntu abo bantu bafise ishaka rikomeye n’ukuntu bakoresha n’ubukerebutsi Bibiliya. Baraburaniye Imana, eka n’igihe bashobora gutakaza ubuzima bwabo.”
Ukutadohoka mu Ruhagarara Muri Sierra Leone
Guhera muri Ndamukiza 1991, igihe indwano y’abanyagihugu yaduka muri Sierra Leone, abantu ibihumbi n’ibihumbi barishwe, barakomereka canke baramugara. Umuhuzabikorwa wa Komite y’Ishami Bill Cowan yashikirije iyi raporo igira iti: “Indwano n’amagume vyaragize ico bikora kinini ku bantu. Benshi bahoze batanegwa ubutumwa bwacu, ubu barumviriza bafise ugushimishwa. Birakunda gushika ko abantu bizana batatumiwe ku Ngoro z’Ubwami zacu kugira ngo bitabe ikoraniro ryabo rya mbere. Abavukanyi kenshi barahagarikwa mw’ibarabara bagasabwa kurongora inyigisho ya Bibiliya.” Naho muri ico gihugu umutekano muke ukibandanya, igikorwa co kwamamaza Ubwami kirabandanya kwama ivyamwa muri Sierra Leone.
Porogarama Nini y’Iyubaka Muri Afirika y’Epfo
Muri iki gihe, harakenewe Ingoro z’Ubwami ibihumbi bitari bike mu cibare kibungabungwa n’ibiro vy’ishami rya Afirika y’Epfo. Ingoro amajana ziramaze kwubakwa. Umwe mu bagize Komite y’Ishami John Kikot yavuze ati: “Aho kwikoraniriza mu karuri canke munsi y’igiti, nk’uko vyagirwa aho hambere, abavukanyi bacu barashobora kwikoraniriza mu kibanza kibereye gifise ivyicaro bikwiriye. Naho nyinshi muri izo Ngoro z’Ubwami zubatse mu buryo bubayabaye, kenshi usanga ari zo nyubakwa ziboneka kuruta mu karere zirimwo. Mu turere tumwetumwe, vyarabonetse yuko hamaze kwubakwa Ingoro y’Ubwami, mu mwaka ukurikira ishengero rica ryongerekana incuro zibiri zirenga.”
Iyaruka Rishasha ry’Ivyabona Muri Ukraine
Mu kiringo c’umwaka w’umurimo w’2000, muri ico gihugu harabaye igitigiri c’agaheta c’abamamaji 112.720. Abarenga 50.000 muri abo bize ukuri kwa Bibiliya mu myaka itanu iheze. Umuhuzabikorwa wa Komite y’Ishami John Didur yavuze ati: “Vy’ukuri, Yehova yarahagurukije iyaruka rishasha ry’Ivyabona, rigizwe n’abakiri bato kugira ngo ritangaze izina ryiwe!” Yongeyeko ati: “Mu myaka ibiri iheze, twasigiye abantu ibinyamakuru birenga imiliyoni 50—bikaba bingana n’igitigiri c’abantu baba muri iki gihugu. Ku kwezi ku kwezi, dufashe incahagati, turonka amakete igihumbi avuye ku bantu bashimishwa basaba kumenyeshwa ibindi.”
Iyindi Mice Ikora ku Mutima y’Iyo Porogarama
Daniel Sydlik, umwe mu bagize Inama Nyobozi, yarashikirije insiguro ikwegera ubwenge. Ikiganiro kivuga ngo “Ukuntu Inama Nyobozi Itandukanye n’Urwego Rugengwa n’Amategeko,” giseruka muri iki kinyamakuru, gishingiye ku vyo bashikirije vyigisha.
Theodore Jaracz wo mu Nama Nyobozi yashikirije insiguro ituma abantu bazirikana yari ifise umutwe uvuga ngo: “Abacungezi n’Abakozi b’Ishengero Bagenwa mu Buryo bwa Tewokarasi.” Kimwe mu biganiro biseruka muri iki kinyamakuru gishingiye kuri uwo mutwe.
Ikoraniro ry’umwaka ryarimwo kandi insiguro ikabura yashikirijwe n’umwe mu bagize Inama Nyobozi, David Splane, ku vyerekeye icanditswe c’umwaka w’2001. Gishingiye ku majambo y’intumwa Paulo agira ati: “[M]uhagarar[e] mukwiye kandi mufise ukujijuka gushikamye mu kugomba kw’Imana kwose.” (Ab’i Kolosayi 4:12, NW) Ivyabona vya Yehova hirya no hino kw’isi biyemeje gukora ivyo mu gihe bamamaza badahemuka inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana kw’isi yose!—Matayo 24:14.
[Akajambo k’epfo]
a Iyo porogarama yarerekanywe mu bibanza bitari bike hakoreshejwe ubuhinga bwa elegitoronike, bituma abantu bose hamwe bayitavye baba 13.082.