Itangazo Ridasanzwe
KU NSOZERO y’ikoraniro ry’umwaka rya sosiyete Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania ryabaye ku w’7 Gitugutu 2000, hari itangazo ridasanzwe ryashikirijwe n’umuhagarikizi waryo, ari we John E. Barr wo mu Nama Nyobozi. Iryo tangazo ryashingiye ku zindi nsiguro zari zatanzwe kare kuri uwo musi na Theodore Jaracz be na Daniel Sydlik.—Raba urupapuro rwa 11-15 na 29-32 rw’iki kinyamakuru.
Umuvukanyi Barr yarashikirije iciyumviro gihambaye avuga ati: “‘Umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge’ (NW) be n’Inama Nyobozi yiwe bajejwe ivyunguranyi biri hejuru kandi bishiramwo vyinshi kuruta ivyashinzwe inzego zigengwa n’amategeko. Mu mategeko ngenderwako ya kimwe cose muri ivyo bisata harimwo ibintu bifise aho bigera. Ariko rero, Databuja Yezu Kirisitu yahaye wa mugwi w’umushumba w’umwizerwa kugaba ‘ivy’afise vyose,’ ni ukuvuga ivyungura Ubwami ngaha kw’isi vyose.”—Matayo 24:45-47.
Ku vyerekeye urwego rw’i Pensilivaniya, Umuvukanyi Barr yongeyeko ati: “Guhera igihe yemerwa n’amategeko mu 1884, sosiyete Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania yaragize uruhara ruhambaye muri kahise kacu ko mu bihe vya none. Naho ari ukwo, ni igikoresho gusa kigengwa n’amategeko dufise kugira ngo gikoreshwe n’‘umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge’ igihe bikenewe.”
Mu nsiguro bashikirije, Abavukanyi Sydlik na Jaracz barasiguye yuko ukuba “umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” yarajejwe ibintu vyose Umukama atunze vyo kw’isi, bitabuza uwo mugwi w’umushumba kugena abagabo bakwije ibisabwa bo mu “zindi ntama” kugira ngo bitwararike ayandi mabanga ya misi yose y’ivy’ugutwara. (Yohana 10:16) Eka kandi nta mpamvu n’imwe ishingiye ku Vyanditswe isaba yuko abayobozi bose b’ibisata bishingiye ku mategeko Ivyabona vya Yehova bakoresha barinda kuba vyanse bikunze Abakirisu basizwe.
Umuvukanyi Barr yabwiye abumviriji yuko bamwebamwe mu bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova bahoze basukura bwa bayobozi n’abashingwabikorwa bakuye akarenge bavyishakiye mu nama z’abayobozi z’inzego zose zikoreshwa n’“umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” muri Reta Zunze Ubumwe. Abavukanyi b’abizigirwa bo mu zindi ntama baratowe bwa basubirizi.
Iyo ngingo y’Inama Nyobozi yuko abagabo babishoboye bo mu zindi ntama basukura bwa bayobozi b’inzego zikoreshwa n’Ivyabona vya Yehova vy’ukuri ni nzanakunguko. Ituma abo mu bagize Inama Nyobozi bashobora kumara umwanya munini kuruta bategura ibifungurwa vy’impwemu kandi gutyo bakaba bariko baritwararika ivyo ikivukano co kw’isi yose gikeneye mu vy’impwemu.
Mu gusozera, umuhagarikizi yabwiye abariko baramwumviriza bahimbawe ati: “Naho ibikorwa bitandukanye vyo mu bijanye n’amategeko vyashinzwe abacungezi baciye uruma, . . . bose basukura bakurikije ubuyobozi bwo mu vy’impwemu bw’Inama Nyobozi. . . . Twese tubishizemwo n’isengesho turahanze amaso Yehova ngo ahezagire utwigoro twacu dushizwe hamwe mu gukora ukugomba kwiwe, kugira ngo izina ryiwe rihambaye riterwe iteka ryongere rininahazwe.”