ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w01 1/2 rup. 23-28
  • Woba Ubaho Wisunga Ukwiyegura Kwawe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba Ubaho Wisunga Ukwiyegura Kwawe?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ntibihakanye Ukwiyegura Kwabo
  • Uburorero bwo mu Gihe ca None bw’Ukwiyegura
  • Ukubona mu Buryo Bubereye Ukwiyegura Kwacu
  • Ntihagire Umusi n’Umwe Wijana
  • Nugume Ubona Ibintu mu Buryo Butomoye
  • Umwiyemezo Wawe Ni Uwuhe?
  • Guma Ukorera Yehova Ufise Umutima Uhamye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Ukwiyegura be n’Umwidegemvyo wo Guhitamwo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Ni kubera iki wokwiyegurira Yehova?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Tubeho Duhuza n’Ukwiyegura Kwacu
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
w01 1/2 rup. 23-28

Woba Ubaho Wisunga Ukwiyegura Kwawe?

“Ivyo mukora vyose, mubikore bivuye mu mutima nk’abakorera Shobuja mukuru, ntimube nk’abakorera abantu.”​—AB’I KOLOSAYI 3:23.

1. Ni ukwihebera ibintu ukuhe kubonekera mu vy’inkino?

ABAKINYI bashikira gute ukurusha abandi mu rukino bakina? Mu rukino rwa tenisi, urw’umupira w’amaguru, urwa basiketi, urwa besiboli, urw’ugusiganwa n’amaguru, urwa golf, canke urundi rukino urwo ari rwo rwose, abarusha abandi bashikira ico kibanza bivuye ku kwihebera bimwe vyuzuye imenyerezwa ry’umubiri n’iry’umuzirikanyi vyabo kugira ngo babe abahanga mu buryo bwose bushoboka mu rukino bahisemwo. Ugukomera kwo mu vy’umubiri no mu vy’ubwenge ni vyo bija imbere. Ukwihebera ibintu mwene ukwo kwoba ari kwo gusa dukwiye kuba dufise mu muzirikanyi igihe tuzirikana ivyerekeye ukwiyegura mu nsobanuro ya Bibiliya?

2. “Ukwiyegura” bisobanura iki muri Bibiliya? Tanga akarorero.

2 Muri Bibiliya “ukwiyegura” bisobanura iki? “Kwegurira” rihinduwe mu rivuga ry’Igiheburayo rifise insobanuro yo “kugumiza ku ruhande; gushirwa ku ruhande; kuvanamwo.”a Muri Isirayeli ya kera, Umuherezi Mukuru Aroni yashira ku gitambara ciwe “ikimenyetso ceranda c’ukwiyegura,” (NW) icari akabate k’inzahabu iramuye gaciweko amagarwe mu majambo y’Igiheburayo avuga ngo “Ubweranda ni ubwa Yehova.” (NW) Ico cari nk’icibutsa umuherezi mukuru yuko ategerezwa kwirinda gukora ikintu ico ari co cose coshobora guhumanya ahera “kuko ikimenyetso c’ukwiyegura, amavuta arobanura y’Imana yiwe, [yari] kuri we.”​—Kuvayo 29:6; 39:30; Abalewi 21:12, NW.

3. Ukwiyegura gukwiye kugira ico gukoze gute ku migenzo yacu?

3 Turashobora kubona muri ivyo ko ukwiyegura ari ikintu co gufatana uburemere. Bisaba ko umuntu yimenyekanisha avyishakiye ko ari umusavyi w’Imana, kandi bisaba ko agira imigenzo idahumanye. Turashobora rero gutahura igituma intumwa Petero yasubiyemwo ivyo Yehova yavuze, agira ati: “Mube abera, kuko nanje nd’uwera.” (1 Petero 1:15, 16) Bwa Bakirisu biyeguye, twikoreye ibanga riremereye ryo kubaho twisunga ukwiyegura kwacu, tukaguma turi abizerwa gushitsa kw’iherezo. Ariko mu kwiyegura kw’Umukirisu harimwo n’iki?​—Abalewi 19:2; Matayo 24:13.

4. Intambwe yo kwiyegura tuyishikira gute, kandi ishobora gusanishwa n’iki?

4 Tumaze kuronka ubumenyi nyakuri bwerekeye Yehova Imana n’imigambi yiwe hamwe n’ubwerekeye Yezu Kirisitu be n’uruhara afise muri iyo migambi, ubwacu twarifatiye ingingo yo gusukurira Imana n’umutima wacu wose, n’umuzirikanyi wacu wose, n’ubugingo bwacu bwose, be n’inkomezi zacu zose. (Mariko 8:34; 12:30; Yohana 17:3) Ivyo vyoshobora mbere kubonwa nk’indagano umuntu ubwiwe agira, ukwiyegurira Imana atiziganya. Ukwiyegura kwacu ntitwakugize bivuye ku gihababu. Twarabirimbuye twitonze kandi mw’isengesho, dukoresheje ububasha bwo kuzirikana. Kubera ico, ntiyari ingingo y’igihe gito. Ntidushobora kuba nk’umuntu atangura kurima umurima maze akabita mu nzira kubera bisaba akazi karuhisha canke kubera bisa n’uko iyimbura rikiri kure cane cabure ko atazi ko rizoba. Rimbura uturorero twa bamwebamwe ‘bafashe isuka’ y’ibanga rya gitewokarasi mu bihe bigoye.​—Luka 9:62; Abaroma 12:1, 2.

Ntibihakanye Ukwiyegura Kwabo

5. Ni gute Yeremiya yabaye akarorero kibonekeje k’umusavyi w’Imana yiyeguye?

5 Ubusuku menyeshakazoza Yeremiya yaranguriye i Yeruzalemu bwamaze imyaka irenga 40 (647-607 B.G.C.), kandi nticari igikorwa coroshe. Yari azi neza aho ubushobozi bwiwe bugera. (Yeremiya 1:2-6) Yari akeneye ubutinyutsi n’ukwihangana kugira ngo ahangane n’abantu b’intagondwa b’i Buyuda ku musi ku musi. (Yeremiya 18:18; 38:4-6) Mugabo, Yeremiya yizigiye Yehova Imana uwamukomeje ku buryo yacitse umusavyi w’Imana yiyeguye vy’ukuri.​—Yeremiya 1:18, 19.

6. Ni akarorero akahe intumwa Yohani yadusigiye?

6 Bite ho ku vyerekeye ya ntumwa y’umwizerwa Yohani, uwambukanywe mw’izinga rigoye kubamwo rya Patimo ageze mu myaka yiwe y’ubusaza, “[bamuhora] ijambo ry’Imana no gushingira intahe Yesu”? (Ivyahishuriwe 1:9) Yarihanganye kandi abaho yisunga ukwiyegura kwiwe ari Umukirisu mu myaka nka 60. Yari akiriho igihe isangangurwa rya Yeruzalemu ryaba, rigizwe n’inteko z’Abaroma. Yaratewe agateka ko kwandika Injili, amakete atatu yahumetswe, be n’igitabu c’Ivyahishuriwe, aho yeretswe imbere y’igihe intambara ya Harumagedoni. Yoba yaciye aheba igihe yamenya yuko Harumagedoni itoje akiriho? Yoba yaciye yibera sindabibazwa? Ekaye, Yohani yagumye ari umwizerwa gushika ku gupfa kwiwe, azi yuko naho ‘igihe cari hafi,’ iranguka ry’ivyo yari yeretswe ryobaye muri kazoza.​—Ivyahishuriwe 1:3; Daniyeli 12:4.

Uburorero bwo mu Gihe ca None bw’Ukwiyegura

7. Ni gute umuvukanyi umwe yabaye akarorero keza k’ukwiyegura kwa gikirisu?

7 Muri ibi bihe vya none, Abakirisu b’abizerwa ibihumbi n’ibihumbi barumiye ku kwiyegura kwabo babigiranye umwete naho batabandanije kubaho ngo bibonere Harumagedoni. Umuntu umwe nk’uwo yari Ernest E. Beavor wo mu Bwongereza. Yacitse Icabona mu 1939 mu ntango y’Intambara ya Kabiri y’Isi Yose, kandi yaciye aheba ishirahamwe ryiwe ryariko rirasagamba ryo guhingura amafoto, kugira ngo afate ubusuku bw’igihe cose. Kubera ko yagumanye ukwitaramura kwa gikirisu, yarapfunzwe imyaka ibiri. Umuryango wiwe waramubayeko, maze mu 1950 abana biwe batatu baritavye rya Shure ry’Ivya Bibiliya rya Watchtower ry’i Gilead rimenyereza abamisiyonari, i New York. Umuvukanyi Beavor yari umunyamwete cane mu gikorwa ciwe co kwamamaza ku buryo abagenzi bamwita Harumagedoni Ernie. Yarabayeho yisunga ukwiyegura kwiwe adahemuka, kandi kurinda apfa mu 1986, yamamaza yuko intambara y’Imana ya Harumagedoni iri hafi gushika. Ntiyigeze abona ukwiyegura kwiwe nk’ikontara y’igihe gitoyi yagiranye n’Imana!b​—1 Ab’i Korinto 15:58.

8, 9. (a) Ni akarorero akahe kasizwe n’imisore myinshi yo muri Esupanye mu gihe c’intwaro ya Franco? (b) Ni ibibazo ibihe bibereye?

8 Akandi karorero k’umwete udatezura ni ako muri Esupanye. Mu gihe c’intwaro ya Franco (1939-1975), Ivyabona bakiri bato amajana n’amajana biyeguye barafashe impagararo yo kuba Abakirisu batagira aho begamiye. Benshi muri bo bamaze imyaka cumi canke irenga mu mabohero ya gisirikare. Icabona kimwe Jesús Martín, we mbere ibihano yaciriwe bipoperanirijwe hamwe vyari imyaka 22 mu munyororo. Yaratonaguwe bimwe bibi igihe yari apfungiwe mw’ibohero rya gisirikare muri Afirika yo mu Buraruko. Nta na kimwe muri ivyo cari coroshe, mugabo yaranse kudohoka.

9 Mu bihe bitari bike, iyo misore ntiyari izi igihe yorekuriwe, namba hoho yonarekuwe, kubera yacirwa ibihano injojo bikurakuranwa. Yamara yaragumanye ukutadohoka kandi yarazigamye umwete ifitiye ubusuku igihe yari mu munyororo. Igihe amaherezo ibintu vyatangura kuba vyiza mu 1973, benshi muri ivyo Vyabona, ico gihe bakaba bari barengeje gato imyaka 30 y’amavuka, bararekuwe maze baca bagenda ubwo nyene mu busuku bw’igihe cose, bamwe bagacika abatsimvyi badasanzwe n’abacungezi b’ingenzi. Barabayeho bisunga ukwiyegura kwabo mw’ibohero, kandi benshi babandanije kubigenza gutyo gushika aho babohorewe.c Tweho bite muri kino gihe? Twoba turi abizerwa ku kwiyegura kwacu cokimwe n’izo ntahemuka?​—Abaheburayo 10:32-34; 13:3.

Ukubona mu Buryo Bubereye Ukwiyegura Kwacu

10. (a) Ukwiyegura kwacu dukwiye kukubona gute? (b) Yehova abona gute umurimo tumurangurira?

10 Tubona gute ukwiyegurira Imana kwacu ngo dukore ukugomba kwayo? Coba ari co kintu ca mbere mu buzima bwacu? Uko ivyacu vyifashe kwose, twaba turi bato canke dukuze, twaba twubatse canke tutubatse, twaba dufise amagara meza canke turwaye, dukwiye kwihatira kubaho twisunga ukwiyegura kwacu dukurikije uko ivyacu vyifashe. Uko ivy’umuntu vyifashe bishobora kumutuma akora ubusuku bw’igihe cose ari umutsimvyi, ari umwishakire mu biro vy’ishami rya Sosiyete Watch Tower, ari umumisiyonari, canke mu busuku bw’ingenzi. Ku rundi ruhande, abavyeyi bamwebamwe bashobora kuba bafise vyinshi bakora mu kwitwararika ivyo umuryango ukenera mu vy’umubiri no mu vy’impwemu. Amasaha makeyi ugereranije bamara mu busuku ku kwezi ku kwezi, yoba afise agaciro gatoyi mu nyonga za Yehova kuruta amasaha menshi umusuku w’igihe cose amara? Ekaye. Imana ntiyigera itwitegako ivyo tudafise. Intumwa Paulo yaravuze iyi ngingo ati: “Iyo har’umutima ukunze, wemerwa ku vy’umuntu afise, si ku vy’adafise.”​—2 Ab’i Korinto 8:12.

11. Ubukiriro bwacu buhagaze ku ki?

11 Uko biri kwose, ubukiriro bwacu ntibuhagaze ku kintu ico ari co cose twokora ariko buhagaze ku buntu bwa Yehova tudakwiriye biciye kuri Kirisitu Yezu, Umukama wacu. Paulo yarabisiguye mu buryo butomoye ati: “Bose bākoze ivyaha, ntibashikīra ubgiza bg’Imana; batsindanishirizwa n’ubuntu bgayo, ibibahereye ubusa, kubgo gucungurwa kubonerwa muri Kristo Yesu.” Mugabo, ibikorwa vyacu ni ikimenyamenya c’uko ukwizera kwacu gukora mu mihango y’Imana.​—Abaroma 3:23, 24; Yakobo 2:17, 18, 24.

12. Ni kuki tudakwiye kugira amagereranya?

12 Ntibikenewe ko twigereranya n’abandi mu biraba umwanya tumara mu murimo w’Imana, ivyandikano bishingiye kuri Bibiliya dusigira abantu, canke igitigiri c’inyigisho za Bibiliya turongora. (Ab’i Galatiya 6:3, 4) Tutaravye ivyo dushobora kurangura mu busuku bwa gikirisu, twese dutegerezwa kwibuka amajambo ya Yezu acisha bugufi agira ati: “Ni mwaheza gukora ivyo mwagezweko vyose, muvuge, muti Tur’abagurano b’imburakimazi, twakoze ivyo dukwiye gukora gusa.” (Luka 17:10) Ni kangahe dushobora kuvuga yuko vy’ukuri twakoze “ivyo [t]wagezweko vyose”? Ikibazo rero ni iki: Umurimo wacu turangurira Imana ukwiye kuba umeze gute?​—2 Ab’i Korinto 10:17, 18.

Ntihagire Umusi n’Umwe Wijana

13. Ni agatima akahe dukeneye kugira uko dushitsa ukwiyegura kwacu?

13 Ahejeje guha impanuro abagore, abagabo, abana, abavyeyi be n’abashumba, Paulo yandika ati: “Ivyo mukora vyose, mubikore bivuye mu mutima, nk’abakorera Shobuja mukuru, ntimube nk’abakorera abantu, muzi yuko muzohabga impēra na Shobuja mukuru, ni yo wa mwandu. Shobuja uwo Kristo ni we mukorera.” (Ab’i Kolosayi 3:23, 24) Ntituriko turasukura ngo dutangaze abantu n’ivyo turangura mu murimo wa Yehova. Turiko turagerageza gusukurira Imana mu gukurikira akarorero ka Yezu Kirisitu. Yashikije ubusuku bwiwe bwasa na bugufi afise agatima ko kubona ko ibintu vyihutirwa.​—1 Petero 2:21.

14. Ni imburizi iyihe Petero yatanze ku biraba imisi y’iherezo?

14 N’intumwa Petero yaragaragaje ko afise agatima ko kubona yuko ibintu vyihutirwa. Mw’ikete rya kabiri yanditse, yabuye yuko mu misi y’iherezo, hobaye abacokoranyi​—abahakanyi n’abanyamakenga​—bovyuye ibibazo vyerekeye ukuhaba kwa Kirisitu, bisunze ivyipfuzo vyabo bwite. Ariko rero, Petero yavuze ati: “Umwami Imana ntitebeje isezerano ryayo, uko bamwe biyumvira kw iritevya. Ariko yihanganira mwebge, ntigomba ko hagira abahona, arikw igomba ko bose bihana. Arik’umusi w’Umwami wacu uzoza nk’igisuma.” Egome, umusi wa Yehova nta nkeka uzoza. Dukwiye rero kwitwararika ku musi ku musi tukaraba neza ko vy’ukuri ukwizera dufise mu mihango y’Imana kutagiramwo amazinda kandi gukomeye.​—2 Petero 3:3, 4, 9, 10.

15. Dukwiye gutereza amaso gute ku musi wose wo mu buzima bwacu?

15 Kugira ngo tubeho twisunga ukwiyegura kwacu tubishizeko umutima, dukwiye gukoresha umusi wose ku bw’ishemezwa rya Yehova. Ku mpera y’umusi wose, twoba dushobora gutereza amaso inyuma maze tukaraba ukuntu twagize ico duterera mu buryo bunaka kw’iyezwa ry’izina ry’Imana no kw’iyamamazwa ry’inkuru nziza y’Ubwami? Kumbure twabigize biciye ku kuba twigenjeje mu buryo budahumanye, ku kiyago cacu cubaka canke ku kwitwararika umuryango n’abagenzi mu buryo buranga urukundo. Twoba twakoresheje uturyo turiho kugira ngo tubwire abandi icizigiro cacu ca gikirisu? Twoba twafashije umuntu kugira ngo azirikane ashimitse ivyerekeye imihango y’Imana? Nimuze tugire ikintu c’agaciro twongerereje ku musi ku musi mu buryo bw’impwemu, nk’aho twoba turiko turashinga ikonte ya banke yo mu vy’impwemu ibombotse.​—Matayo 6:20; 1 Petero 2:12; 3:15; Yakobo 3:13.

Nugume Ubona Ibintu mu Buryo Butomoye

16. Ni mu buryo butari bumwe ubuhe Shetani agerageza kugoyagoza ukwiyegurira Imana kwacu?

16 Tubayeho mu bihe birushiriza kuba ibigoye ku Bakirisu. Shetani n’abakozi biwe baragerageza kuvurunganya itandukaniro riri hagati y’iciza n’ikibi, ikidahumanye n’igihumanye, inyifato runtu n’iyiteye isoni, icemewe n’ikitemewe. (Abaroma 1:24-28; 16:17-19) Yaratumye bitworohera cane gutosekaza imitima n’imizirikanyi yacu dukoresheje televiziyo canke orodinateri. Turashobora kubona ivy’impwemu mu buryo buvurunganye, canke butagira ico butumbereye kugira ngo tunanirwe no kubona ibikorwa vyiwe vy’uruyeri. Umwiyemezo wacu wo kubaho twisunga ukwiyegura kwacu urashobora kugoyagoya maze ntitube tukigumije cane ya “suka” mu gihe tudohotse kuri kamere zacu zo mu vy’impwemu.​—Luka 9:62; Ab’i Filipi 4:8.

17. Impanuro ya Paulo ishobora kudufasha gute kuzigama ubucuti dufitaniye n’Imana?

17 Ni co gituma amajambo Paulo yandikiye ishengero ry’i Tesalonike ahuye n’igihe koko. Agira ati: “Ico Imana igomba, n’ukwezwa kwanyu, ko mwirinda ubushakanyi; kugira ng’umuntu wese muri mwebge amenye kuganziriza uwiwe mubiri mu kwezwa no mu kuwubaha, atari mu buryo bgo kwāngāza umutima mu vyifuzo, nk’ukw abanyamahanga batazi Imana bagira.” (1 Ab’i Tesalonike 4:3-5) Ubushegabo bwarashikanye bamwebamwe ku gucibwa mw’ishengero rya gikirisu​—ni ukuvuga abafashe minenegwe ukwiyegurira Imana kwabo. Bararetse ubucuti bafitaniye n’Imana buragoyagoya, ku buryo Imana itabaye igifise ikibanza mu buzima bwabo. Yamara, Paulo yavuze ati: “Imana [ntiya]duhamagariye guhumana, ariko yaduhamagariye kwezwa. Ni co gituma ūvyanka ataba yanse umuntu arikw aba yanse Imana, kand’ari yo ibaha [impwemu yayo yera].”​—1 Ab’i Tesalonike 4:7, 8.

Umwiyemezo Wawe Ni Uwuhe?

18. Umwiyemezo wacu ukwiye kuba uwuhe?

18 Nimba dutahura uburemere bw’ukwiyegurira Yehova Imana kwacu, dukwiye kwiyemeza gukora iki? Umwiyemezo wacu ushikamye ukwiye kuba uwo kugumana ijwi ryo mu mutima ritatwagiriza ikibi ku biraba imigenzo yacu n’ubusuku bwacu. Petero yahimirije ati: “Mufise imitima itarimw’ijwi ribāgiriza ikibi, kugira ngo no ku vyo muvugwa nabi, abatuka ingeso zanyu nziza zo muri Kristo bamāramāre.” (1 Petero 3:16) Hari aho twobwirizwa gucumukura kandi tukagirirwa nabi tuzira imigenzo yacu iranga Ubukirisu, mugabo na Kirisitu ni ko vyamugendeye kubera ukwizera kwiwe n’ukudahemukira Imana kwiwe. Petero yavuze ati: “Nuko kuko Kristo yababarijwe mu mubiri, mwitwaze nk’ibirwanishwa ben’uyo mutima: kuk’ūbabarijwe mu mubiri aba amaze kureka icaha.”​—1 Petero 4:1.

19. Ni ibiki dushaka ko batuvugako?

19 Mu vy’ukuri, umwiyemezo wacu ushikamye wo kubaho twisunga ukwiyegura kwacu uzodukingira imitego y’iyi si ya Shetani irwaye mu buryo bw’impwemu, mu buryo bw’inyifato runtu no mu buryo bw’umubiri. Ariko ikiruta ivyo, tuzogira umwizero w’uko dushimwa n’Imana, kikaba ari ikintu ciza kuruta ico ari co cose Shetani n’abakozi biwe bashobora gutanga. Nuko, ese bitokwigera bivugwa ko twataye urukundo twari dufise tugitangura kumenya ukuri. Ahubwo, nituvugwe nk’uko abo mw’ishengero ryo mu kinjana ca mbere ry’i Tuwatira bavuzwe ngo: “Ndazi ibikorwa vyawe, n’urukundo rwawe, n’ukwizera kwawe, n’ingen’ushitsa ibango ryawe, n’ukwihangana kwawe, kandi kw ibikorwa vyawe vyo hanyuma biruta ivya mbere kuba vyinshi.” (Ivyahishuriwe 2:4, 18, 19) Egome, nimuze ntitube akazuyazi ku biraba ukwiyegura kwacu, ariko nimuze “tururumbe impwemu” (NW) tube abanyamwete gushika kw’iherezo​—kandi iherezo riri hafi.​—Abaroma 12:11; Ivyahishuriwe 3:15, 16.

[Utujambo tw’epfo]

a Raba Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Ndamukiza 1987, urupapuro rwa 31.

b Raba Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Ruheshi 1980, urupapuro rw’⁠8-12, kugira ngo umenye inkuru y’ido n’ido yerekeye ubuzima bwa Ernest Beavor.

c Raba igitabu Annuaire des Témoins de Jéhovah 1978, urupapuro rw’⁠156-158, 201-218, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

Woba Uvyibuka?

• Ukwiyegura harimwo n’iki?

• Ni uturorero utuhe two mu gihe ca kera no mu ca none tw’abasavyi b’Imana biyeguye bikwiriye ko twigana?

• Umurimo wacu turangurira Imana dukwiye kuwubona gute?

• Umwiyemezo wacu ukwiye kuba uwuhe ku biraba ukwiyegurira Imana kwacu?

[Ifoto ku rup. 24]

Yeremiya yagumye ari umwizerwa naho yafatwa nabi bimwe bibi

[Ifoto ku rup. 25]

Ernest Beavor yarasigiye abana biwe akarorero k’ukuba Umukirisu w’umunyamwete

[Ifoto ku rup. 26]

Ivyabona bakiri bato amajana n’amajana bari mu mabohero yo muri Esupanye baragumanye ukutadohoka kwabo

[Pictures on page 27]

Nimuze tugire ikintu c’agaciro twongerereje ku musi ku musi mu buryo bw’impwemu

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika