ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w01 1/3 rup. 31
  • Ibibazo vy’Abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’Abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Ivyo bijanye
  • Igikoresho gifasha cane mu buhinduzi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Bwoba vy’ukuri ari ubugunge?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Umuhinga mu vya ordinateri asigura icatumye yemera Imana
    Be maso!—2017
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
w01 1/3 rup. 31

Ibibazo vy’Abasomyi

Abakirisu b’ukuri bakwiye kubona gute ingeso iharawe y’abantu baha abandi amakopi ya porogarama za orodinateri zigenewe ubudandaji?

Bamwebamwe bogerageza kwikurayo bihenda yuko iyo ngeso ataco itwaye mu kwerekeza ku majambo ya Yezu agira ati: “Mubiherewe ubusa, mubitangire ubundi.” Mugabo ntiwumve, Yezu ntiyariko yerekeza ku vy’ugutanga ku buntu amakopi y’ivyandikano be n’amakopi ya porogarama za orodinateri, bibujijwe n’uburenganzira bw’umuhinguzi, ikoreshwa ry’ivyo bintu rikaba rigengwa n’amategeko. Yashaka kuvuga ugutanga bwa muce w’ubusuku. Yezu yabwiye intumwa zari zigiye mu bisagara no mu bigwati bitari bimwe ko zari kwamamaza Ubwami, gukiza abarwaye, no kwirukana amadayimoni. Aho gusaba amahera ku bw’ivyo, intumwa zategerezwa ‘kubitangira ubusa.’​—Matayo 10:7, 8.

Kubera yuko orodinateri abantu bikoreshereza ku giti cabo n’izikoreshwa mu rudandaza zirushiriza kugwira, abantu benshi barakeneye porogarama ya orodinateri. Ayo mu bisanzwe ategerezwa kugurwa. Ikizwi coco ni uko hariho abantu bandika porogarama bakazironsa abantu ku buntu, kandi bakavuga yuko zishobora kwimurwa zigahabwa n’abandi. Mugabo porogarama nyinshi za orodinateri ziragurishwa mu buryo bwo kudandaza. Yaba ari ayo kwikoreshereza i muhira canke mu vy’ubudandaji, abakoresha porogarama za orodinateri vyitegwa ko bazigura, bakazirihira. Mu gihe umuntu yakiriye canke yimuye porogarama ya orodinateri atayirihiye, ivyo vyoba biteye kubiri n’amategeko, nk’uko vyoba bimeze ku muntu yogira amafotokopi menshi cane y’ibitabu, n’igihe nyene vyoba ari ivyo gutanga ku buntu.

Amaporogarama menshi ya orodinateri (harimwo n’udukino) arakingirwa n’uruhusha rwatanzwe, nyeneco na nyene kugikoresha bagasabwa gukurikiza intunganyo n’ibibujijwe bitomoye. Nyinshi muri izo mpusha zivuga yuko umuntu umwe gusa ari we yoshira iyo porogarama muri orodinateri kandi akayikoresha​—kenshi akayishira muri orodinateri imwe rudende, yaba ari orodinateri y’i muhira canke yo muri kompanyi cabure kw’ishure. Impusha zimwezimwe zivuga yuko nyene kubikoresha ashobora kugira ikopi y’integabizoza yiwe bwite, mugabo ko adakwiye kugirira amakopi abandi bantu. Mu gihe nyeneyo ashaka gutanga iyo porogarama yose (dushizemwo n’uruhusha be n’amarabiro), arashobora kubigira. Ariko rero, aba arangije uburenganzira yari afise bwo kuyikoresha. Impusha ziratandukanye, ari co gituma umuntu aguze canke ahawe porogarama yinaka akwiye kurondera kumenya ico urwo ruhusha ruvuga.

Ibihugu vyinshi biri mu vyagize amasezerano yerekeye uburenganzira bw’abahinguzi akingira “ibikorwa vy’abanyabwenge,” nk’amaporogarama ya orodinateri, kandi biragerageza gushimangira amategeko yerekeye uburenganzira bw’abahinguzi. Nk’akarorero, ikinyamakuru kimwe (The New York Times) co ku wa 14 Nzero 2000 cavuze yuko “intwazangabo z’igipolisi c’Ubudagi n’ica Danemarike zafashe abanywanyi b’ico badondoye ko ari akagwi k’inkozi z’ikibi gahambaye k’ababuzi ba porogarama za orodinateri” kaza karimura kongera kagabanganya porogarama n’udukino vya orodinateri, mbere bimwebimwe kakabigurisha biciye kuri bwa buhinga bwa Internet.

Ishengero ry’Abakirisu rihagaze he kuri ivyo? Emwe Yezu yavuze ati: “Ivya Kayisari ni mubihe Kayisari, ivy’Imana mubihe Imana.” (Mariko 12:17) Ivyo bisaba Abakirisu kwubahiriza amategeko y’igihugu adateye kubiri n’itegeko ry’Imana. Ku biraba amareta, intumwa Paulo yanditse ati: “Umuntu wese n’agamburukire abamuganza . . . ūgābagābiye ūganza aba agābagābiye icagezwe n’Imana: kand’abakigābagābiye bazoba bihamagariye gutsindwa n’urubanza.”​—Abaroma 13:1, 2.

Abakurambere mw’ishengero ry’Abakirisu ntibashinzwe gusuzuma orodinateri z’abandi, nk’aho boba bafise uburenganzira bwo kugira ico bavuze ku mategeko yerekeye uburenganzira b’abahinguzi no kuyashimangira. Mugabo baremera kandi bakigisha yuko Abakirisu bakwiye kwirinda kwakira ibitari ivyabo kandi ko bakwiye kwihatira kuba abakurikiza amategeko. Ivyo birakingira Abakirisu guhanwa bahorwa ko barenga amategeko, kandi bituma bashobora kugira ijwi ryo mu mutima ritabagiriza ikibi imbere y’Imana. Paulo yanditse ati: “Ni co gituma ukwiye kugamburuka, atari kubgo kurakirwa gusa, ariko no kubg’ijwi ryo mu mutima.” (Abaroma 13:5) Muri ubwo buryo nyene, Paulo yaraseruye icipfuzo c’Abakirisu b’ukuri mu majambo agira ati: “Tuzi tudakekeranya ko turi n’imitima itarimw’ijwi ritatwagiriza ikibi, tugomba kugira ingeso nziza muri vyose.”​—Abaheburayo 13:18.

[Uruzitiro ku rup. 31]

Amakompanyi amwamwe n’amashure amwamwe biragura impusha zikoreshwa n’abantu benshi zivuga igitigiri ntarengwa c’abemerewe gukoresha iyo porogarama. Mu 1995, amashengero ry’Ivyabona vya Yehova yarihweje ikiganiro cari kirimwo iyi impanuro igira iti:

“Amakompanyi menshi ategura akongera akagurisha amaporogarama ya orodinateri arerekana ko uburenganzira bwose ari ubwabo, kandi agatanga uruhusha rwerekana ukuntu izo porogarama zishobora gukoreshwa mu buryo bwemewe n’amategeko. Urwo ruhusha kenshi ruvuga yuko nyene iyo porogarama adashobora guha abandi amakopi yayo; kukaba nkako, itegeko mpuzamakungu ryerekeye uburenganzira bw’abahinguzi rirabibuza. . . . Amashirahamwe maninimanini amwamwe aragurisha orodinateri zisanzwe zarashizwemwo amaporogarama yasabiwe impusha. Ariko rero, imangazini zimwezimwe zigurisha orodinateri ntizitanga izo mpusha kubera yuko amaporogarama zishiramwo imbere y’igihe ari amakopi adaciye mu mategeko, ivyo bigasobanura yuko umuguzi aba arenze itegeko mu gukoresha ayo maporogarama. Mu bijanye n’ivyo, Abakirisu bakwiye kwirinda kwimura canke kwimurira ku bikoresho vya elegitoronike ibintu bifitiwe uburenganzira n’umuhinguzi (nk’uko biri ku bisohokayandikiro vya Sosiyete) kandi ibiriko bikimurwa ata ruhusha rujanye n’amategeko rwa benevyo.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika