Gufasha abapfakazi mu Bigeragezo Vyabo Vyose
IMWE mu nkuru zizwi neza kuruta zerekeye abapfakazi ni inkuru yo muri Bibiliya ya Rusi na inabukwe, Nawomi. Abo bakenyezi bompi bari abapfakazi. Ariko rero, Nawomi ntiyabuze gusa umunega wiwe, ariko kandi yabuze n’abahungu biwe babiri, umwe muri bo akaba yari umunega wa Rusi. Kubera yuko baba mu kibano c’abirimizi cari kizeye uburaro n’uburamuko ku bagabo baho, vy’ukuri uko ivyabo vyari vyifashe kari agacamutima.—Rusi 1:1-5, 20, 21.
Ariko rero, Nawomi yari afise umugenzi adasanzwe akaba n’umuntu amwirura, uwo na we yari umukazana wiwe Rusi, yanse kumuva i ruhande. Amaherezo, Rusi yagaragaye ko “[a]rutira [Nawomi] abahungu ndwi”—atari gusa kubera urukundo rugera ibwina yakunda Nawomi, mugabo kandi kubera urukundo yakunda Imana. (Rusi 4:15) Igihe Nawomi yasaba yuko Rusi asubira iyo ab’iwabo n’abagenzi biwe b’Abanyamowabu bari, Rusi yishuye akoresheje amajambo aserura ukudahemuka ari mu yakora ku mutima kuruta ayandi yigeze kwandikwa, avuga ati: “Ah’uzoja [n]i ho nzoja, kand’ah’uzorāra [n]i ho nzorāra; ihanga ryanyu ni ryo rizoba ihanga ryacu, Imana yawe ni yo izoba Imana yanje; ah’uzogwa ni ho nzogwa, bahampambe: Uhoraho arakabimpanira, kandi birushirije, ni nagira ikizontandukanya nawe, atar’urupfu.”—Rusi 1:16, 17.
Inyifato ya Rusi ntiyabuze kubonwa na Yehova Imana. Yarahezagiye urwo rugo ruto rwa Nawomi na Rusi, kandi amaherezo Rusi yubakanye n’Umwisirayeli yitwa Bowazi. Umwana wabo, uwacitse sekuruza wa Yezu Kirisitu, yaritwararitswe na Nawomi nk’aho yoba yari uwiwe bwite. Iyo nkuru ni akarorero kamwe k’ukuntu Yehova akunda cane abapfakazi bamwiyegereza kandi bakamwizigira. Ikindi, Bibiliya itubwira yuko ashima abantu bafasha abapfakazi mu buryo buranga urukundo mu bigeragezo vyabo. None ni gute muri iki gihe dushobora gufata mu mugongo abapfakazi bari muri twebwe?—Rusi 4:13, 16-22; Zaburi 68:5.
Nutange Imfashanyo Itomoye Mugabo Ata Kagobero
Igihe umuntu aha imfashanyo umupfakazi, vyoba vyiza kuruta ibaye iyitomoye kandi idakikiriza mugabo ata kagobero. Niwirinde amajambo adatomoye nk’aya ngo: “Niwagira ico ukenera urabimenyesha.” Ivyo bishobora kuba ari nko kubwira umuntu yishwe n’imbeho be n’ikigoyi ngo: “[N]ususuruke, uhāge,” maze ntihagire ico ukora kugira ngo umufashe. (Yakobo 2:16) Abantu benshi ntibasaba gusahirizwa igihe bakeneye ikintu; ahubwo, baracumukura bihoreye. Gufasha abantu nk’abo bisaba ubukerebutsi, umuntu agategera ivyo bakeneye. Ku rundi ruhande, kuba nyawirarika—canecane mu kugenzura ubuzima bw’uwo mupfakazi—birashobora kumubabaza mu mutima canke bigatera amatati. Ni co gituma Bibiliya ishimika ku vy’uko hakenewe uburimbane mu vyo tugirira abandi. Naho ituremesha kwitwararika ivy’abantu ata bwikunzi, iratwibutsa kutisuka mu bitaturaba.—Ab’i Filipi 2:4; 1 Petero 4:15.
Rusi yaragaragarije Nawomi iyo nyifato iri ku burimbane. Naho yumiye kuri inabukwe adahemuka, Rusi ntiyamutwaza umukazo canke ngo amucure bufuni na buhoro. Yaribwirije akatari gake, nko mu kuronkera Nawomi ibifungurwa no mu kuvyironsa, mugabo kandi yarakurikiye amabwirizwa ya Nawomi.—Rusi 2:2, 22, 23; 3:1-6.
Ego ni ko, ibikenerwa birashobora kuba bitandukanye cane ku muntu no ku wundi. Sandra twavuze kare avuga ati: “Nararonse ico nari nkeneye mu mubabaro wanje—ni ukuvuga abagenzi beza kandi buzuye urukundo batororokanira iruhande yanje.” Elaine twavuze kare, we yari akeneye akanya ko kuguma ari wenyene. Kuba rufasha rero bisobanura kugira ubukerebutsi no kugira uburimbane hagati yo kwubahiriza uwundi mu gihe ashaka kuba wenyene no kuboneka ngo ufashe igihe bikenewe.
Gufatwa mu Mugongo n’Umuryango
Mu gihe umupfakazi yoba afise umuryango urangwa igishika n’urukundo, urashobora gukora vyinshi kugira ngo umusubirize umutima mu nda yuko azoshobora guhangana n’ubupfakazi akererwa. Naho abagize umuryango bamwebamwe boba bashobora gutanga imfashanyo iruta iyo abandi botanga, bose barashobora guterera agacumu k’ubumwe. “Umupfakazi wese, namb’afise abana cank’abuzukuru, ni babanze kwiga kwubaha Imana ku vyo bagirira ababo, no kwishura ivyiza abavyeyi babo: kukw ivyo ari vyo bishimwa mu nyonga z’Imana.”—1 Timoteyo 5:4.
Mu bihe vyinshi, imfashanyo y’amahera canke “indishi” vyoshobora kuba bidakenewe. Abapfakazi bamwebamwe barafise amahera ahagije yo gukoresha ivyo bakenera, abandi na bo bakaba bakwije ibisabwa kugira ngo baronke ya mfashanyo ya Leta, iyiboneka mu bihugu bimwebimwe. Mugabo, aho abapfakazi bari mu bukene, abagize umuryango barakwiye gufasha. Mu gihe hari umupfakazi yoba adafise incuti zishika zomufasha, canke izo ncuti zikaba zidashoboye kumufasha, Ivyanditswe biremesha abo basangiye ukwemera kumufasha: “Idini itunganye itagira agasembga imbere y’Imana Data wa twese, n’ukurāba impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo.”—Yakobo 1:27.
Abantu bashira mu ngiro izo ngingo ngenderwako za Bibiliya mu vy’ukuri “[baratera iteka] abapfakazi.” (1 Timoteyo 5:3) Gutera iteka umuntu nkako bisobanura kugaragariza uwo muntu icubahiro. Abantu baterwa iteka bumva bahawe agaciro, bakunzwe cane, kandi bafashwe rupfasoni. Ntibumva ko abandi bariko barafasha kubera gusa ari itegeko. Rusi, naho ubwiwe yari umupfakazi mu gihe kinaka, abigiranye urukundo n’umutima ukunze, yarateye koko iteka Nawomi mu kuraba neza ko ivyo Nawomi yari akeneye mu vy’umubiri no mu vy’umutima abironka. Kukaba nkako, inyifato ya Rusi ntiyatevye gutuma avugwa neza, ku buryo uwobaye umunega wiwe muri kazoza yavuze ku bimwerekeye ati: “Abashingantahe bose b’i wacu bazi yuk’ur’umugore aroranye.” (Rusi 3:11) Muri ico gihe nyene, urukundo Nawomi yakunda Imana, ukutagorana kwiwe, be n’ukuba yarakenguruka bigera ibwina utwigoro Rusi amugirira, nta nkeka vyatuma Rusi ahimbarwa kumusahiriza. Ese ukuntu Nawomi ari akarorero keza ku bapfakazi muri iki gihe!
Niwiyegereze Imana
Birumvikana, abagize umuryango n’abagenzi ntibashobora kwuzuza umukokwe umuntu apfuye asiga mu wo bari bubakanye. Kubw’iyo mvo, birahambaye ko umuntu yabuze yiyegereza canecane “Data wa twese w’imbabazi, kand’Imana yirura imibabaro yose.” (2 Ab’i Korinto 1:3, 4) Rimbura akarorero ka Ana, umupfakazi yakunda Imana cane yari afise imyaka 84 mu gihe c’ivuka rya Yezu.
Igihe umunega wa Ana yapfa bamaranye imyaka indwi gusa, yahindukiriye Yehova ngo amwirure. “Ntiyava mu rusengero gusenga, yisonzesha yinginga, ku murango no mw ijoro.” (Luka 2:36, 37) Yehova yoba yarakiriye neza ukuntu Ana yamwibandako? Egome! Yaramugaragarije urukundo mu buryo budasanzwe mu gutuma ashobora kubona akayoya kokuze kakaba Umukiza w’isi. Ese ukuntu ivyo vyashitse ku mutima Ana vyongera biramwirura! Biragaragara yuko yiboneye ukuri kwo muri Zaburi 37:4 havuga hati: “Uhimbarwe n’Uhoraho, na we azoguha ivyo umutima wawe ugomba.”
Imana Irakora Icishije ku Bakirisu Bagenzi Bawe
Elaine avuga ati: “Mu gihe kirekire inyuma y’urupfu rwa David, naragize uburibwe bwinshi, nk’aho imbugita yoba iriko irancumitagura mu gikiriza. Niyumvira yuko kwari ukugumirwa. Umusi umwe vyarakomeye ku buryo niyumviriye ko ntegerezwa kubona muganga. Umuvukanyikazi wanje mu vy’impwemu w’inkerebutsi akaba n’umugenzi yaratanze iciyumviro c’uko intuntu mfise ishobora kuba iri mu bibitera, maze andemesha gusaba Yehova ngo amfashe yongere anyirure. Narafashe nka nkama impanuro ampaye maze ntura isengesho ryo mu gacerere mugabo rivuye ku mutima, nsaba Yehova kumfata mu mugongo mu ntuntu nari mfise. Kandi yarabigize!” Elaine yaratanguye kumva atoye mitende, maze haciye akanya gato n’uburibwe bwo ku mubiri yari afise buranyika.
Mu bugwaneza, abakurambere b’ishengero barashobora canecane gufata kigenzi abapfakazi batuntuye. Mu gutanga ubudahengeshanya imfashanyo n’inyiruro vyo mu vy’impwemu babigiranye ubugenge n’ubukerebutsi, abakurambere barashobora kubafasha kuguma biyegereje Yehova naho baba bari mu bigeragezo. Aho biba bikenewe, abakurambere barashobora kandi gufasha kwungunganya imfashanyo yo mu vy’umubiri. Abo bakurambere buzuye imbabazi n’ubukerebutsi vy’ukuri bacika “aho kwikinga umuyaga.”—Yesaya 32:2; Ivyakozwe 6:1-3.
Inyiruro Yamaho Ivuye ku Mwami Mushasha w’Isi
Wa mwana wa mutamakazi Ana yanezererwa kubona, ubu hakaba haciye nk’imyaka ibihumbi ibiri, muri iki gihe yacitse Umwami Mesiya w’Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru. Iyo ntwaro vuba igiye gukuraho ibitera intuntu vyose, urupfu rudasigaye inyuma. Ku biraba ivyo, mu Vyahishuriwe 21:3, 4 havuga hati: “Eh’ihema ry’Imana riri kumwe n’[umuryango w’]abantu . . . Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize.” Woba wabonye yuko ico canditswe cerekeza ku “muryango w’abantu”? Egome, abantu bazobohorwa bakurweko urupfu hamwe n’amaborogo yose be n’ugutaka kwose rutera.
Mugabo hariho n’izindi nkuru zirushirije kuba nziza! Bibiliya irasezerana kandi izuka ry’abapfuye. “Igihe kija kuza, ah’abari mu mva bose bazokwumvira ijwi ryiwe [Yezu], bakazivamwo.” (Yohana 5:28, 29) Nka kurya kwa Lazaro, uwo Yezu yazuye mu bapfuye, bazosohoka ari abantu, atari ibiremwa vy’impwemu. (Yohana 11:43, 44) Abantu ubukurikira ‘bazokora ibintu vyiza’ bazoshikanwa ku kuba abantu batagira agasembwa kandi ubwabo babungabungwe kivyeyi na Yehova uko ‘azopfundurura igipfunsi ciwe agahaza ukwipfuza kw’ibiriho vyose.’—Zaburi 145:16.
Ababuze uwo bakunda kandi bakaba bizera ico cizigiro ntakekeranywa basanga ari isoko ry’inyiruro ikomeye. (1 Ab’i Tesalonike 4:13) Rero, niba uri umupfakazi, raba neza ko “[usenga] ubudasiba” kugira ngo uronke inyiruro n’imfashanyo ukeneye ku musi ku musi kugira ngo wikorere imitwaro yawe itandukanye. (1 Ab’i Tesalonike 5:17; 1 Petero 5:7) Nufate kandi ku musi ku musi umwanya wo gusoma Ijambo ry’Imana kugira ngo ivyiyumviro vy’Imana bishobore kukwirura. Niwakora ivyo bintu, uzokwibonera ukuntu, naho hari ibigeragezo be n’ingorane uhanganye na vyo kubera uri umupfakazi, Yehova ashobora vy’ukuri kugufasha kuronka amahoro.
[Iciyumviro nyamakuru ku rup. 5]
Kuba rufasha bisobanura kugira uburimbane hagati yo kwubahiriza uwundi mu gihe ashaka kuba wenyene be no kuboneka igihe bikenewe
[Ifoto ku rup. 7]
Wa wundi Ana yari ageze mu zabukuru, yarahezagiwe n’Imana