ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w01 1/6 rup. 12-17
  • Ubuyobozi Buva ku Mana mu vy’Uguhitamwo Uwo Muzokwubakana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubuyobozi Buva ku Mana mu vy’Uguhitamwo Uwo Muzokwubakana
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ubuyobozi Buva ku Mana Burangwa n’Urukundo
  • Ukwibanda ku Mana​—Ni co Kintu Nyamukuru
  • Gufata Ingingo y’Igihe Twokwubakirako
  • ‘Niwubake mu Mwami Gusa’
  • Umubano w’ababiranye ni ingabirano iva ku Mana y’urukundo
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
  • Gushingira Umubano Wanyu Ishimikiro Nyaryo
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
  • Umubano w’ababiranye ni ingabire iva ku Mana
    Nugume mu rukundo rw’Imana
  • Inyuma y’umusi w’ubugeni
    Nugume mu rukundo rw’Imana
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
w01 1/6 rup. 12-17

Ubuyobozi Buva ku Mana mu vy’Uguhitamwo Uwo Muzokwubakana

“Nzokwigisha nkwereke inzira ucamwo, nzokugīra inama, ijisho ryanje rizokugumako.”​—ZABURI 32:8.

1. Ni ibintu ibihe bikenewe kugira ngo umubano w’ababiranye ube mwiza?

UMUVUZI w’ingoma atanguye kuvuza ingoma yiwe. Abaririmvyi babigiranye ubuhinga barifatanya na we mu kwikora mu gahogo n’utujwi twabo turongorotse. Bivamwo akaziki karyoheye ugutwi. Abagabo babiri bariko bapakurura amakarato y’ibidandazwa aremereye bayakura mu gikamyo kinini. Umwe aza arayaterera mugenziwe, uwundi na we akayasama ata ngorane na gato, agaca arindira ko iyindi iza. Ivyo vyompi womengo ni utwo bigirira. Mugabo, ni nde yobigerageza atagiye aravyimenyereza, adafise uwo babigirana abimenyereye, na canecane ataronse ubuyobozi n’amabwirizwa bibereye? Muri ubwo buryo nyene, kugira umubano w’ababiranye mwiza vyosa n’ivyizana. Ariko rero, na wo nyene uva ku kwubakana n’umuntu mwiza, ku kigoro mwempi mugira, na canecane ku mpanuro ziranga ubukerebutsi. Kukaba nkako, ubuyobozi bwiza ni ntahara.

2. (a) Ni nde yashinze indinganizo y’umubano w’ababiranye, kandi vyari bifise intumbero iyihe? (b) Ku bantu bamwebamwe, uguhitamwo uwo bazokwubakana vyagiye biragirwa gute?

2 Ni ibisanzwe ko umusore canke inkumi biyumvira ivyerekeye uwo bazokwubakana​—umufasha mu buzima. Kuva igihe washingwa na Yehova Imana, umubano hagati y’umugabo n’umugore cabaye ikintu gisanzwe mu buzima. Ariko, wa mugabo wa mbere Adamu, si we yihitiyemwo umukenyezi wiwe. Yehova bivuye ku rukundo yaramuhaye umukenyezi. (Itanguriro 2:18-24) Uwo mugabo n’umugore ba mbere vyasaba ko barondoka kugira ngo amaherezo isi yuzure abantu. Uyo mubano wa mbere umaze gushingwa, kenshi wasanga abavyeyi b’umusore n’ab’inkumi ari bo babahitiramwo uwo bazokwubakana, rimwe na rimwe bikagirwa abo vyega bamaze kuvyemera. (Itanguriro 21:21; 24:2-4, 58; 38:6; Yosuwa 15:16, 17) Naho mu bihugu bimwebimwe no mu mico kama imwimwe abubaka bakibahitiramwo abo bazokwubakana, benshi muri iki gihe ni bo bihitiramwo uwo bazokwubakana.

3. Umuntu akwiye guhitamwo gute uwo bazokwubakana?

3 Umuntu akwiye guhitamwo gute uwo bazokwubakana? Bamwebamwe boshwa n’akaranga​—ni ukuvuga ivyo basanga bibahimbaye kandi bibereye ijisho. Abandi bironderera inyungu z’amaronko, bakarondera umuntu azobabungabunga akongera agashobora kubaronsa ivyo bakeneye n’ivyo bipfuza. Mugabo, abantu babona umubano muri ubwo buryo gusa, vyoba vyobashikana ku bucuti burangwa agahimbare kandi bumara akanyota? Mu Migani 31:30 havuga hati: “Akazuru gusa karahendana, n’ubgiza bgo ku rukoba nta co bumaze, arik’umugore yubaha Uhoraho ni we ashimwa.” Kandi, aho harimwo iciyumviro gihambaye: Igihe uhitamwo uwo muzokwubakana, nuzirikane Yehova.

Ubuyobozi Buva ku Mana Burangwa n’Urukundo

4. Ni imfashanyo iyihe Imana itanga ku biraba guhitamwo uwo muzokwubakana?

4 Data wa twese munyarukundo wo mw’ijuru, Yehova, yaratanze Ijambo ryiwe ryanditse ryahumetswe kugira ngo rituyobore mu bintu vyose. Avuga ati: “Ni jewe Uhoraho Imana yawe, nkwigisha ibikugirira ikimazi, nkakurōngōra mu nzira ukwiye gucamwo.” (Yesaya 48:17) Ntibitangaje rero gusanga muri Bibiliya inyobozo zagaragaye ko ari ngirakimazi mu vy’uguhitamwo uwo muzokwubakana. Yehova ashaka ko imibano yacu iramba kandi irangwa n’agahimbare. Ni co gituma yaduhaye imfashanyo kugira ngo dutahure twongere dushire mu ngiro izo nyobozo. Ivyo none si vyo twokwitega ku Muremyi wacu munyarukundo?​—Zaburi 19:8.

5. Ni igiki ari ngirakamaro cane kugira ngo umubano w’ababiranye ubemwo agahimbare karamba?

5 Igihe Yehova yashinga indinganizo y’umubano w’ababiranye, yashaka ko buba ubucuti buramba. (Mariko 10:6-12; 1 Ab’i Korinto 7:10, 11) Ni co gituma “[y]anka ivyo kwahukana,” ikabirekura gusa igihe bishingiye ku “busambanyi.” (Malaki 2:13-16; Matayo 19:9) Ku bw’ivyo, guhitamwo uwo muzokwubakana ni imwe mu ntambwe zihambaye kuruta dushobora gutera, kandi ntidukwiye kuyifata minenegwe. Ni ingingo nke zifatwa zoshobora gutuma abantu bagira agahimbare canke umubabaro nk’iyo. Mu gihe ihitamwo ryiza rishobora gutuma ubuzima bw’umuntu bumera neza kandi bumara akanyota, ihitamwo ribi ryoryo rirashobora gukwega intuntu idahera. (Imigani 21:19; 26:21) Kugira ngo ubuhirwe bubandanye, ni ngirakamaro cane ko umuntu ahitamwo mu buryo buranga ubukerebutsi kandi akaba yiteguriye kugira indagano ziramba. Ivyo ni nkenerwa kubera yuko Imana yashinze umubano w’ababiranye bwa bucuti bwosagamvye bugatuma abo babiranye bahuza kandi basenyera ku mugozi umwe.​—Matayo 19:6.

6. Ni kuki imisore n’inkumi bakiri bato bakeneye canecane kuba maso igihe bahitamwo uwo bazokwubakana, kandi ni gute bashobora gufata ingingo irushirije kuba iyiranga ubukerebutsi?

6 Imisore n’inkumi bakiri bato ni bo canecane bakeneye kwiyubara kugira ngo ugukwegerwa n’umubiri be n’inambu zikomeye ntibitume batabona ibintu mu buryo bwiza igihe bahitamwo uwo bazokwubakana. Kukaba nkako, ubucuti bushingiye gusa kuri ivyo bintu burashobora gutituka bidatevye, bikavamwo gukengerana canke mbere kwankana. (2 Samweli 13:15) Ku rundi ruhande, urukundo ruramba rurashobora gutsimbatazwa uko dushika ku kumenya uwo twubakanye be n’uko turushiriza kwitahura ubwacu. Dukeneye kandi gutahura yuko ibintu vyiza kuruta kuri twebwe bitoba ari ivyo imitima yacu yahoze yipfuza mu ntango. (Yeremiya 17:9) Ni co gituma inyobozo z’Imana dusanga muri Bibiliya zihambaye cane. Ziradufasha gutahura ukuntu dushobora gufata ingingo zirushirije kuranga ubukerebutsi mu buzima. Umwanditsi wa Zaburi yerekanye ko Yehova avuga ati: “Nzokwigisha nkwereke inzira ucamwo, nzokugīra inama, ijisho ryanje rizokugumako.” (Zaburi 32:8; Abaheburayo 4:12) Naho umubano w’ababiranye ushobora gutuma turonka urukundo n’ubugenzi tuvuka dukeneye, urimwo kandi ingorane zisaba ko tuba abantu bahumuye kandi b’inkerebutsi.

7. Ni kuki bamwebamwe batemera impanuro ishingiye kuri Bibiliya yerekeye guhitamwo uwo bazokwubakana, yamara rero, iyo ngendo yoshikana ku ki?

7 Ni ingendo iranga ubukerebutsi kwumvira ivyo uwatanguje umubano w’ababiranye afise avuga ku biraba guhitamwo uwo muzokwubakana. Yamara rero, turashobora gutera akagere impanuro ishingiye kuri Bibiliya igihe tuyihawe n’abavyeyi canke abakurambere b’Abakirisu. Dushobora kwiyumvamwo ko batadutahura mu buryo bushitse, kandi ivyipfuzo bikomeye vyuzuye akanyengetera bigashobora kudusunikira ku gukurikiza impengamiro z’umutima. Ariko rero, igihe twinjiye mu buzima nyabuzima, twoshobora kwicuza yuko tutumviye impanuro iranga ubukerebutsi yatanzwe ku bw’ineza yacu. (Imigani 23:19; 28:26) Twosanga turi mu mubano utarangwamwo urukundo, dufise abana batugora kubungabunga, kandi kumbure tukaba twubakanye n’uwutizera. Ese ukuntu vyoba bibabaje mu gihe indinganizo yotuzaniye agahimbare kenshi icitse isoko ry’amagorwa atavugwa!

Ukwibanda ku Mana​—Ni co Kintu Nyamukuru

8. Ni gute ukwibanda ku Mana gufasha umubano w’ababiranye kuramba no kurangwa agahimbare?

8 Nta woharira ko ugukwegerana gufasha mu gukomeza umubano w’ababiranye. Mugabo, ibintu abubakanye bompi baha agaciro ni vyo bintu binahambaye kuruta bituma umubano wabo uramba kandi ukavamwo agahimbare. Igihe bompi bibanda kuri Yehova Imana biratuma haba ubucuti buramba kandi bigatsimbataza ubumwe mu buryo ata kindi kintu na kimwe cobishikako. (Umusiguzi 4:12) Igihe Abakirisu babiri bubakanye bashingira ubuzima bwabo ku gusenga Yehova kw’ukuri, barafatana mu nda mu vy’impwemu, mu vy’umutima, no mu vy’inyifato runtu. Barigira hamwe Ijambo ry’Imana. Barasengera hamwe, kandi ivyo biranywanisha imitima yabo. Baraherekeranya ku makoraniro y’Abakirisu, bakongera bagakorana mu busuku bwo mu ndimiro. Ivyo vyose birafasha mu vy’ugutsimbataza ubucuti bwo mu vy’impwemu butuma barushiriza gufatana mu nda. N’igihambaye kuruta, bivamwo umuhezagiro wa Yehova.

9. Aburahamu yakoze iki ku biraba kuronkera umukenyezi Isaka, kandi ivyo vyavuyemwo iki?

9 Bivuye ku kwibanda ku Mana kwiwe, sekuruza w’imiryango w’umwizerwa Aburahamu yararondeye guhimbara Imana igihe hashika ko ahitiramwo umugeni umuhungu wiwe Isaka. Aburahamu yabwiye umusuku yizigira wo mu rugo rwiwe ati: “Ndakurahize Uhoraho, ni we Mana Nyen’ijuru, ni we Mana Nyen’isi, yuk’utazosabira umwana wanje umugeni wo mu Banyakananikazi, abo mbamwo; ariko k’uzoja mu gihugu cacu, muri bene wacu, kuba ari ho usabira umwana wanje Isaka umugeni . . . [Yehova] azotuma umumarayika wiwe akuje imbere, nawe az’abe ari ho usabira umwana wanje umugeni.” Rebeka yabaye umukenyezi utoraba, uwo Isaka yakunze cane.​—Itanguriro 24:3, 4, 7, 14-21, 67.

10. Ni ibisabwa ibihe biri mu Vyanditswe abakenyezi n’abanega bategerezwa gushitsa?

10 Niba turi Abakirisu batarubaka, ukwibanda ku Mana bizodufasha gutsimbataza kamere zizotuma dushobora gushitsa ibisabwa vyerekeye umubano w’ababiranye biri mu Vyanditswe. Mu bintu abanega n’abakenyezi bategerezwa gushitsa, harimwo ibi vyavuzwe n’intumwa Paulo agira ati: “Bagore, mugamburukire abagabo banyu, nk’uko mugamburukira Umwami wacu . . . Bagabo, mukunde abagore banyu, nk’uko Kristo na we yakunze ishengero, akaryigura . . . Abagabo na bo bakwiye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bgite . . . Umuntu wese akunde umugore wiwe nk’uko yīkunda; umugore na we ni yubahe umugabo wiwe.” (Abanyefeso 5:22-33) Nk’uko dushobora kubibona, amajambo yahumetswe ya Paulo arashimika ku vy’uko urukundo n’icubahiro bikenewe. Gushira aho iyo mpanuro ishize, birimwo ugutinya Yehova bivuye ku kumwubaha. Ivyo bisaba indagano yo kugumana mu mahirwe no mu magorwa. Abakirisu bazirikana ivyo kuzokwubaka izabo bakwiye kuba bashoboye kwikorera iryo banga.

Gufata Ingingo y’Igihe Twokwubakirako

11. (a) Ni impanuro iyihe yerekeye igihe co kwubaka itangwa mu Vyanditswe? (b) Ni akarorero akahe kerekana ubukerebutsi bwo gukurikiza impanuro ya Bibiliya yanditswe mu 1 Ab’i Korinto 7:36?

11 Kumenya niba tugeze kwubaka ni ikintu gihambaye cane. Kubera yuko ivyo bitandukanye ku muntu n’uwundi, Ivyanditswe ntibitomora imyaka. Ariko rero, vyerekana yuko vyoba vyiza kurindira gushika igihe “[u]renganye ishurika ry’ubuto,” (NW) igihe inambu ikomeye y’umubiri ishobora gutuma utabona ibintu mu buryo bwiza. (1 Ab’i Korinto 7:36) Umuvukanyikazi Mishelle avuga ati: “Igihe nabona abagenzi banje bariko baragenderanira n’abo bipfuza kuzoreshanya kandi bakubaka izabo, benshi bakabigira bakiri imiyabaga, rimwe na rimwe vyarangora gushira mu ngiro iyo mpanuro. Mugabo naratahuye yuko iyo mpanuro iva kuri Yehova, kandi akaba atubwira gusa ibitugirira ikimazi. Mu kurindira igihe co kwubaka, narashoboye kwitunira ku bucuti dufitaniye na Yehova no kumenya utuntu n’utundi mu buzima, mu bintu bimwebimwe udashobora kumenya mu myaka yawe y’ubuyabaga. Haciye imyaka, nari niteguriye neza kuruta kwikorera ayo mabanga be n’ingorane zivyuka mu mubano w’ababiranye.”

12. Ni kuki ari ibiranga ubukerebutsi kutihutagiza kwubaka mu gihe ukiri muto?

12 Abihutagiza kwubaka mu gihe bakiri bato cane kenshi basanga ivyo bakenera be n’ivyipfuzo vyabo bihinduka uko bagera mu bigero. Ico gihe baca batahura yuko ibintu mu ntango babona ko ari vyiza bitagihambaye nk’uko vyari. Umukirisukazi umwe akiri muto yari yashize umutima ku kwubaka igihe yari afise imyaka 16. Inakuru yari yubatse afise iyo myaka, eka na nyina akaba yubatse ari ko angana. Igihe umusore yari yipfuje kwubakana na we yanka kumutwara muri ico gihe, yahisemwo uwundi muntu yashaka kwiyubakira ico gihe nyene. Ariko rero, mu nyuma yaricujije cane ku bw’iyo ngingo yafashe gihutihuti.

13. Ni mu mice iyihe abubaka bataragera kenshi haba hari ico bahajije?

13 Igihe uzirikana ivyo kuzokwubaka urwawe, birahambaye gutahura neza ico ivyo vyose bisaba. Kwubaka hataragera birashobora gutera ingorane umuyoro abubakanye bakiri bato bisa n’uko batiteguriye neza kuzitorera umuti. Bashobora kuba batazi utuntu n’utundi kandi badakuze mu bwenge, ivyo bikaba bikenewe kugira ngo bahangane n’imikazo y’umubano w’ababiranye be n’iyo kurera abana. Dukwiye kwubaka urwacu igihe gusa ku mubiri, mu bwenge no mu vy’impwemu, tugeze kwinjira mu mubano uramba.

14. Ni igiki gikenewe kugira ngo umuntu atorere umuti ibintu bitesha umutwe mu mubano w’ababiranye?

14 Paulo yanditse yuko abubaka “bazogira amagorwa mu mubiri.” (1 Ab’i Korinto 7:28) Ingorane zizokwaduka kubera yuko haba hariho kamere-muntu zibiri zitandukanye kandi bazobona ibintu mu buryo butandukanye. Bivuye ku gasembwa ka muntu, vyoshobora kugora kurangura uruhara rwacu rushingiye ku Vyanditswe rwo mu ndinganizo y’umubano w’ababiranye. (1 Ab’i Korinto 11:3; Ab’i Kolosayi 3:18, 19; Tito 2:4, 5; 1 Petero 3:1, 2, 7) Bisaba gukura mu bwenge n’ugutekana mu vy’impwemu kugira ngo umuntu arondere ubuyobozi bw’Imana yongere abukurikize, kugira atorere umuti ibintu bitesha umutwe, abigiranye urukundo.

15. Ni uruhara uruhe abavyeyi bashobora kugira mu vy’ugutegura abana babo ku bw’ukwubaka? Bitangire akarorero.

15 Abavyeyi barashobora gutegura abana babo ku bw’ukwubaka mu kubafasha gutahura akamaro ko gukurikiza ubuyobozi bw’Imana. Mu gukoresha n’ubuhanga Ivyanditswe be n’ibisohokayandikiro vya gikirisu, abavyeyi barashobora gufasha uruvyaro rwabo kubona niba bo canke abo boshobora kuzokwubakana, boba bageze kugira indagano z’umubano w’ababiranye.a Umwigeme umwe w’imyaka cumi n’umunani yitwa Blossom yiyumvira yuko bakundana n’umusore umwe wo mw’ishengero yakukira. Yari umusuku w’igihe cose w’umutsimvyi, kandi bashaka kwubakana. Mugabo, abavyeyi b’uwo mwigeme baramusavye kurindira umwaka umwe, babona ko yari akiri muto cane. Blossom mu nyuma yanditse ati: “Ndashima cane kubona narumviye iyo mpanuro iranga ubukerebutsi. Mu mwaka umwe, narakuze mu vyiyumviro ku rugero runaka, maze ntangura kubona yuko uwo musore atari afise kamere zotumye ambera umugabo mwiza mu buzima. Amaherezo yarataye ishirahamwe, maze mba nirinze ikintu combereye akaga mu buzima bwanje. Ese ukuntu ari akaroruhore kugira abavyeyi b’inkerebutsi kandi tukaba dushobora kwishimikiza ukuntu babona ibintu!”

‘Niwubake mu Mwami Gusa’

16. (a) Ni gute Abakirisu bashobora guhura n’ikigeragezo ku biraba ‘kwubaka mu Mwami gusa’? (b) Igihe Abakirisu bohejwe kwubakana n’uwutizera, ni ibiki bakwiye kuzirikanako?

16 Ubuyobozi Yehova aha Abakirisu buratomoye. ‘Niwubake mu Mwami gusa.’ (1 Ab’i Korinto 7:39) Abavyeyi ari Abakirisu be n’abana babo, boshobora guhura n’ikigeragezo muri ivyo. Gute? Abakiri bato boshobora kwipfuza kwubaka, mugabo abo bokwubakana ntibaboneke mw’ishengero, kumbure bigasa n’uko ari ukwo biri. Mu karere kanaka hashobora kuba haboneka abagore benshi kuruta abagabo, canke muri ako gace akaba ata n’umwe aboneka ko abereye. Umusore atari uwiyeguye wo mw’ishengero arashobora kugaragaza ko ashimishwa n’inkumi w’Umukirisu (canke ugasanga ni inkumi yo hanze ishima umuvukanyi), kandi hakaba hariho imikazo yo kudohoka kuri ya ngingo Yehova yashinze. Ibintu vyifashe ukwo, vyoba vyiza umuntu azirikanye ku karorero ka Aburahamu. Uburyo bumwe bwatumye aguma afitaniye n’Imana ubucuti bwiza, kwari ukuraba neza ko umuhungu wiwe Isaka yabira umusavyi nyakuri wa Yehova. Isaka ni ko na we yabigenjeje ku biraba umuhungu wiwe Yakobo. Ivyo vyasavye akigoro k’abo vyari vyega bose, mugabo vyarahimbaye Imana kandi bituma ibahezagira.​—Itanguriro 28:1-4.

17. Ni kuki kwubakana n’uwutizera bishobora kuba akaga, kandi ni imvo iyihe ihambaye kuruta yo ‘kwubaka mu Mwami gusa’?

17 Mu bihe bike, vyarashitse ko uwutizera amaherezo acika Umukirisu. Ariko rero, kwubakana n’abatizera kenshi vyakweze akaga. Abantu babiri bafatanya ataco basangiye ntibahuza mu vyo bizera, ivyo bakurikiza canke imigambi. (2 Ab’i Korinto 6:14) Ivyo birashobora kugira ico bikoze kinini ku buryo baseruranira akari ku mutima be no ku gahimbare ko mu mubano. Nk’akarorero, Umukirisukazi umwe yaraseruye intuntu nini afise kubona igihe yaba atashe avuye kw’ikoraniro riremesha, atashobora kuyaga n’umunega wiwe ibintu vyo mu vy’impwemu. Egome, igihambaye kuruta ni uko ‘kwubaka mu Mwami gusa’ ari ikibazo co kuba intahemuka kuri Yehova. Igihe dushize aho Ijambo ry’Imana rishize, imitima yacu ntitwagiriza, kubera yuko tuba dukoze “ibishimwa imbere yayo.”​—1 Yohana 3:21, 22.

18. Igihe umuntu azirikana ivyo kuzokwubaka, ni ibintu bihambaye ibihe akwiye kwitwararika, kandi kuki?

18 Igihe umuntu azirikana ivyo kwubaka, ingeso nziza n’ugukomera mu vy’impwemu vy’uwo bazokwubakana ni vyo bikwiye kumuraza ishinga kuruta ibindi vyose. Kamere-muntu ya gikirisu, yuhiriwe n’ugukunda Imana be n’ukuyibandako n’ubugingo bwacu bwose, birafise agaciro karuta gukwegerwa n’ubwiza bwo ku rukoba. Abantu bakenguruka bakongera bagashitsa ibanga ryabo ryo kuba abubatse bakomeye mu vy’impwemu ni bo bashimwa n’Imana. Kandi, abubakanye babiri bashobora gushika ku gukomera mu mubano wabo nimba bompi bibanda ku Muremyi kandi bakemera bimwe vyuzuye ubuyobozi bwiwe. Muri ubwo buryo, Yehova araterwa iteka, maze umubano ugatangurana umushinge wo mu vy’impwemu ukomeye uzoshobora guterēra ku mubano uramba.

[Akajambo k’epfo]

a Raba Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Ruhuhuma 1999, urupapuro 4-8.

Wokwishura Gute?

• Ni kuki ubuyobozi bw’Imana bukenewe mu vy’uguhitamwo umuntu mwiza muzokwubakana?

• Ni gute ukwibanda ku Mana bizofasha gukomeza ubucuti mu mubano w’ababiranye?

• Abavyeyi bashobora gute gutegura abana babo ku bw’ukwubaka izabo?

• Ni kuki bihambaye ‘kwubaka mu Mwami gusa’?

[Ifoto ku rup. 13]

Gushira mu ngiro impanuro y’Imana mu vy’uguhitamwo uwo muzokwubakana birashobora kuvamwo agahimbare kenshi

[Amafoto ku rup. 16]

Imihezagiro myinshi iva ku ‘kwubaka mu Mwami gusa’

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika