Ushobora Gute Kugumana Uburimbane mu Kuntu Ubona Amahera?
Ugukunda amahera no kwipfuza amatungo si bishasha; eka na Bibiliya ntibuze ico ibivugako, nk’aho vyoba ari ibintu vyadutse vuba. Ni ivya kera cane. Mu Vyagezwe, Imana yabwirije Abisirayeli iti: “Ntukifuze inzu ya mugenzawe . . . cank’ikintu na kimwe ca mugenzawe.”—Kuvayo 20:17.
UGUKUNDA amahera n’amatungo vyari bigwiriye mu gihe ca Yezu. Rimbura iyi nkuru y’ikiganiro Yezu yagiraniye n’umusore umwe w’“umutunzi cane.” “Yesu . . . aramubgira, ati Na non’uhajije kimwe; shōra ivy’ufise vyose, ugabire aboro, ni ho uzogira itunga mw ijuru, utek’uze, unkurikire. Maze yumvise ivyo, arababara cane, kuko yar’umutunzi cane.”—Luka 18:18-23.
Ukubona Amahera mu buryo Bubereye
Ariko rero, kwoba ari ukwihenda dushitse ku ciyumviro c’uko Bibiliya yiyamiriza amahera ubwayo canke ikintu nyamukuru ico ari co cose akora. Bibiliya irerekana yuko amahera akinga mu buryo ngirakimazi ubukene be n’ingorane zijana na bwo, bigatuma abantu bashobora kwironsa ivya nkenerwa. Umwami Salomo yanditse ati: “Ubgenge [ni] ubgugamo, nk’ukw amahera ar’ubgugamo.” Yavuze kandi ati: “Amazimano azimanirwa gutera akanyamuneza, kandi vino inezereza umushaha: arikw amahera ni bimari vya vyose.”—Umusiguzi 7:12; 10:19.
Ugukoresha amahera mu buryo bubereye biremerwa n’Imana. Nk’akarorero, Yezu yavuze ati: “Itunga ribi muryironkeshereze incuti.” (Luka 16:9) Ivyo birimwo gutanga intererano zikoreshwa mu guteza imbere ugusenga Imana kw’ukuri, kubera yuko uko biri kwose dukwiye kurondera ko Imana itubera Umugenzi. Salomo ubwiwe, akurikiye akarorero ka Se wiwe Dawidi, yaraterereye amahera menshi n’ibintu vy’igiciro ku bw’iyubakwa ry’urusengero rwa Yehova. Ikindi Umukirisu asabwa ni ugutanga imfashanyo y’ivy’umubiri ku bari mu mukeno. Intumwa Paulo yavuze ati: “Mugabanirize abera, uko bakennye.” Yongeyeko ati: “Mushishikare gutanga indāro.” (Abaroma 12:13) Ivyo kenshi bisaba ugukoresha amahera kanaka. Ariko rero, tuvuge iki ku vyerekeye ugukunda amahera?
‘Ugukunda Amafeza’
Paulo yaraciye irya n’ino mu buryo bwagutse “ugukunda amahera” canke ijambo ku rindi “ugukunda amafeza,” igihe yariko yandikira Umukirisu mugenziwe akiri muto Timoteyo. Inkeburo ya Paulo dushobora kuyisanga muri 1 Timoteyo 6:6-19. Yaragize ico avuga ku vy’“ugukunda amahera” mu mwihwezo uhambaye yagize ku bintu vy’umubiri. Kubera ikibano ca kino gihe gishimika cane ku biraba amahera, vyoba vyiza dutohoje twitonze amajambo yahumetswe ya Paulo. Umwihwezo nk’uwo ni ngirakimazi koko, kubera uhishura akabanga k’ukuntu umuntu ‘yocakira ubuzima nyakuri.’
Paulo abura ati: “Gukunda amahera [ni] imizi y’ibibi vyose; ayo bamwe bifuje, bakazimira, bagata ukwizera, bītobekeranisha imibabaro myinshi.” (1 Timoteyo 6:10) Ico canditswe ntikivuga yuko amahera ubwayo ari mabi, eka nta n’ikindi canditswe kibivuga. Eka mbere iyo ntumwa ntivuga yuko amahera ari ryo soko nyamukuru ry’“ibibi,” canke yuko amahera ari wo muzi w’ingorane yose. Ahubwo, ugukunda amahera kurashobora kuba isoko ry’ubwoko bwose bw’“ibibi,” naho atari yo yonyene.
Niwirinde Umwina
Kuba amahera ubwayo atiyamirizwa mu Vyanditswe ntibikwiye kugabanya uburemere bw’imburizi ya Paulo. Abakirisu iyo batanguye gukunda amahera bahakwa gushikirwa n’ingorane z’ubwoko bwose, iyirushirije ikaba ari uguta ukwizera. Ukwo kuri kurakomezwa n’ivyo Paulo yabwiye Abakirisu b’i Kolosayi ati: “Nuko mwice ingingo zanyu ziri mw isi . . . ukwifuza kubi kwose, no kwifuza ivy’abandi, ni kwo gusenga ibigirwamana.” (Ab’i Kolosayi 3:5) Ni gute ukwifuza ivy’abandi, umwina canke “ugukunda amahera” ari cokimwe n’ugusenga ibigirwamana? Ivyo vyoba bisobanura yuko ari bibi gushaka inzu nini, akaduga gashasha, akazi kisununuye? Oya, nta na kimwe muri ivyo bintu ari kibi ubwaco. Ikibazo ni iki: Ni inyifato yo mu mutima iyihe ituma umuntu ashaka ikintu ico ari co cose muri ivyo? Mbega hoho ivyo bintu vyoba ari nkenerwa vy’ukuri?
Itandukaniro riri hagati y’icipfuzo gisanzwe be n’umwina rishobora gusanishwa n’itandukaniro riri hagati y’iziko ritoyi riteka ibifungurwa be n’umuriro mwinshi urabagiza uturira ikibira. Icipfuzo ciza kandi kibereye kirashobora kuba ngirakimazi. Kiratuvyurira umutima wo gukora no kugira ico twimbura. Mu Migani 16:26 havuga hati: “Inda y’ūkora ni yo imukoresha, kukw akanwa kiwe kamusaba.” Ariko umwina ni ingeramizi kandi uronona ibintu. Ni icipfuzo kitarimwo ukwigumya.
Ukwigumya ni yo ngorane nyamukuru. Amahera twirundaniriza canke amaronko dushaka, vyoba ari vyo bizoturonsa ivyo dukenera, canke ibintu dukeneye vyoba bizotugira abaja b’amahera? Ni co gituma Paulo avuga yuko kuba ‘umuntu w’umwina . . . ari kuba uwusenga ibigirwamana.’ (Abanyefeso 5:5) Kugira umwina w’ikintu mu vy’ukuri bisigura yuko ari co kidutwara umutima, koko ico kintu kitubera databuja, imana yacu, ico dukorera. Imana yoyo ishimika ivuga iti: “Ntukagire izindi mana umbangikanya.”—Kuvayo 20:3.
Ukuba turi abanyamwina vyerekana kandi yuko tutizigira ko Imana izoshitsa umuhango yatanze wo kuturonsa ivyo dukenera. (Matayo 6:33) Kugira umwina rero ni cokimwe no gutera akagere Imana. Muri ubwo buryo kandi ni “ugusenga ibigirwamana.” Ntibitangaje kubona Paulo atuburira mu buryo butomoye ngo tuwirinde!
Yezu kandi yaratanze imburizi irashe yo kwirinda umwina. Yatubwirije kwirinda kunohokera ikintu tudafise ati: “Murumva, mwirinde ukwifuza kwose, kuk’ubugingo bg’umuntu butava mu bihinda vy’ibintu atunze.” (Luka 12:15) Ukurikije uwo murongo be n’ikigereranirizo gikurikira Yezu yatanze, umwina ushingiye ku kwemera kutagira ishingiro kw’uko igihambaye mu buzima ari ubwinshi bw’ibintu umuntu atunze. Ashobora kuba ari amahera, igiti umuntu afise, ububasha canke ibindi bintu nk’ivyo. Birashoboka ko umuntu agira umwina w’ikintu ico ari co cose ashobora kuronka. Hari aho twokwiyumvira yuko kugira ico kintu bizotuma dushira akanyota. Ariko nk’uko Bibiliya ibivuga, nk’uko kandi abantu bavyibonera, Imana ni yo yonyene ishobora gushitsa ivyo dukenera koko, kandi izobishitsa, nk’uko Yezu yafashije abayoboke kubizirikanako.—Luka 12:22-31.
Ikibano ca kino gihe citwararika cane ivy’urudandaza ni karuhariwe mu vyo gukokeza umwina. Benshi barohejwe mu buryo bwihishije yamara bukomeye, barashika ku kwemera yuko ivyo ari vyo vyose bafise bidahagije. Bakenera ibintu birushirije kuba vyinshi, bininibinini na vyiza. Naho tudashobora kwizigira guhindura iyi si idukikije, ni gute ubwacu dushobora kunanira iyo mpengamiro?
Ukubumbwa n’Ivyo Umuntu Afise Birahushanye n’Umwina
Paulo aratanga igihushane c’umwina, na co akaba ari ukubumbwa n’ivyo umuntu afise. Avuga ati: “Arikw iyo dufise ivyo turya n’ivyo twamba[ra] biba bitubūmvye.” (1 Timoteyo 6:8) Iyo ndondoro y’ibintu vyose dukenera vy’ukuri, ni ukuvuga “ivyo turya n’ivyo twamba[ra],” yoshobora kwumvikana nk’iyisanzwe. Abantu benshi baranezerezwa n’ibiganiro vyo kuri televiziyo, aho abarorerezi bagenda kuraba abantu ba rurangiranwa baba mu mazu mezameza. Ubwo si uburyo bwo gushikira ukubumbwa n’ivyo ufise.
Ego ni ko, abasavyi b’Imana ntibasabwa kubaho mu bukene bishizemwo ubwabo. (Imigani 30:8, 9) Ariko rero, Paulo aratwibutsa ubukene ico ari co vy’ukuri: ni ukubura imfungurwa, ivyambarwa be n’aho umuntu akika umusaya. Ku rundi ruhande, mu gihe dufise ivyo bintu, tuba dufise imvo nyamukuru yo kubumbwa n’ivyo dufise.
Paulo yoba atariko arajajura mu kuvuga ivyo kubumbwa n’ivyo umuntu afise? Vyoba vy’ukuri bishoboka ko tumarwa akanyota n’ibintu vy’ishimikiro gusa, ni ukuvuga imfungurwa, impuzu n’aho dukika umusaya? Paulo ategerezwa kuba yari abizi. Ubwiwe yaragize ubutunzi, aragira n’uduteka two kugira ikibanza co hejuru mu kibano c’Abayuda, aragira n’ubwenegihugu bw’Abaroma. (Ivyakozwe 22:28; 23:6; Ab’i Filipi 3:5) Paulo kandi yaracumukujwe n’amagume akomeye mu mirimo yiwe y’ubumisiyonari. (2 Ab’i Korinto 11:23-28) Biciye kuri ivyo vyose, yarize akabanga kamufashije kuguma abumbwa n’ivyo afise. Ako kabanga kari akahe?
‘Narize Akabanga’
Paulo yasiguye muri rimwe mu makete yiwe ati: “Nzi gucishwa bugufi, nzi no kugira umurengera; muri cose no muri vyose [narize aka]banga [k]o mu vyo guhāga no mu vyo gusonza, [k]o mu vyo kugira umurengera no mu vyo gukena.” (Ab’i Filipi 4:12) Vyumvikana ko Paulo yari afise icizigiro, akabona ibintu mu buryo bwiza! Biroroshe kwiyumvira yuko ubuzima bwiwe bwari bumeze neza cane igihe yandika ayo majambo, ariko si ko vyari biri. Yari mw’ibohero i Roma!—Ab’i Filipi 1:12-14.
Turimbuye ico kintu gisaba kuzirikana, uyo murongo ntuvuga gusa mu buryo bukomeye ikibazo co kubumbwa n’ibintu vy’umubiri umuntu afise, ahubwo kandi kivuga ivy’ukubumbwa n’uko ibintu biba vyifashe. Kugira ubutunzi canke kuba mu magume mu buryo burenze urugero, birashobora kutugerageza ku biraba ivyo dushira mu kibanza ca mbere. Paulo yaravuze ibintu vyo mu vy’impwemu vyamushoboje kubumbwa n’ivyo afise ataravye uko ivy’umubiri vyari vyifashe, mu kugira ati: “Nshobozwa vyose n’[Imana i]mpa inkomezi.” (Ab’i Filipi 4:13) Aho guhanga amaso amatungo yiwe, yaba ari menshi canke make, canke ngo yizigire ukuntu ivyiwe vyifashe, vyaba vyifashe neza canke nabi, Paulo yahanze amaso Imana kugira ngo imuronse ivyo akenera. Vyatumye ivyo afise bimubumba.
Akarorero ka Paulo kari gahambaye canecane kuri Timoteyo. Iyo ntumwa yahimirije uwo musore gukurikirana ingendo y’ubuzima yo gushira imbere ukwibanda ku Mana no kugiranira na yo ubucuti bwa somambike, ubutunzi bukaza inyuma. Paulo yavuze ati: “Ariko weho, muntu w’Imana, wame uhunga ivyo, arik’ukurikire ukugororoka, n’ukwubaha Imana, n’ukwizera, n’urukundo, n’ukwihangana, n’ubugwaneza.” (1 Timoteyo 6:11) Ayo majambo ashobora kuba yabwirwa Timoteyo, ariko arerekezwa no ku muntu wese ashaka gutera iteka Imana no kugira ubuzima burangwa ubuhirwe vy’ukuri.
Timoteyo yari akeneye kuba maso ku vyerekeye umwina cokimwe n’uwundi Mukirisu wese. Biboneka ko hariho abizera b’abatunzi mw’ishengero ry’i Efeso, aho yari ari igihe Paulo yamwandikira. (1 Timoteyo 1:3) Paulo yari yarinjije inkuru nziza ya Kirisitu muri ako karere k’ubucuruzi buteye imbere, ahindura abantu benshi abizera. Nta gukeka ko abatari bake muri abo bantu bari abatunzi, nk’uko biri no muri iki gihe kuri bamwebamwe bo mw’ishengero ry’Abakirisu.
Dufatiye canecane ku nyigisho dusanga muri 1 Timoteyo 6:6-10, ikibazo rero kivyuka ni iki: Ni ibiki abantu bafise amahera menshi bakwiye gukora nimba bashaka gutera iteka Imana? Paulo avuga yuko bakwiye gutangura gusuzuma inyifato yabo. Amahera akunda gutuma umuntu yiyumvamwo ko yikwije. Paulo avuga ati: “Wihanize abatunzi bo mu vy’iki gihe, boye kwibona, canke kwishimira ubutunzi butar’ubgo kwishimirwa, ariko bishimire Imana, iduha vyose bisēsekaye, ngo tubinezererwe.” (1 Timoteyo 6:17) Abantu bafise uburyo bategerezwa kwiga kutaraba gusa amahera yabo; barakeneye guhanga amaso Imana, yo soko ry’ubutunzi bwose.
Ariko inyifato si yo yonyene ikenewe muri urwo rugamba. Bitebe bitebuke, Abakirisu batunze barakenera gukoresha ubutunzi bwabo neza. Paulo akebura ati: ‘Kora iciza, ba umutunzi ku bikorwa vyiza, ba umunyabuntu akunda gutanga.’—1 Timoteyo 6:18.
“Ubu[zima] Nyakuri”
Intumbero nyamukuru y’impanuro ya Paulo ni iy’uko dukeneye kwiyibutsa ko ibintu vy’umubiri bifise agaciro kabayabaye. Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Itunga ry’umutunzi kuri we n’igisagara gikomeye, uko yiyumvira ni nk’uruzitiro rugera hejuru.” (Imigani 18:11) Egome, umutekano amatungo ashobora gutanga amaherezo usanga ari uwo mu ciyumviro gusa, kandi ugasanga vy’ukuri ari uruhendo. Kwoba ari ukwihenda ubuzima bwacu tubushingiye kuri yo aho kubushingira ku kurondera kwemerwa n’Imana.
Kubera ivy’ubutunzi bihindagurika, bituma gushira icizigiro ku butunzi bw’umubiri bitaba ivyo kwishimira. Icizigiro nyakuri gitegerezwa kuba gishingiye ku kintu gikomeye, kiri n’ico kivuze kandi kiramba. Icizigiro ca gikirisu gishingiye ku Muremyi wacu, Yehova Imana, be no ku muhango yatanze w’ubuzima budahera. Niba ari ivy’ukuri yuko amahera adashobora kugura ubuhirwe, biranarushirije kuba ivy’ukuri ko amahera adashobora kugura ubukiriro. Ukwizera Imana ni kwo gushobora kuduha mwene ico cizigiro.
Rero twaba turi abatunzi canke abakene, nimuze dukurikire ingendo y’ubuzima izotuma tuba “[aba]tunzi mu vy’Imana.” (Luka 12:21) Nta na kimwe gifise agaciro kuruta ukugira impagararo yemerwa n’Umuremyi. Utwigoro twose tugira kugira ngo tuzigame iyo mpagararo turaterēra agacumu k’ubumwe ku ‘kwibikira ubutunzi buzoba itanguriro ryiza mu gihe kizoza, kugira ngo ducakire ubuzima nyakuri.’—1 Timoteyo 6:19.
[Ifoto ku rup. 7]
Paulo yarize akabanga ko kubumbwa n’ivyo afise
[Amafoto ku rup. 8]
Turashobora kugira ubuhirwe kandi tukabumbwa n’ivyo dufise