ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w01 1/7 rup. 14-19
  • Nimugume Mushikamye nk’Aho Mubona Iyitaboneka!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nimugume Mushikamye nk’Aho Mubona Iyitaboneka!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Gutahura Ibintu vy’Impwemu Ni Ngirakamaro Cane
  • Ni Ibiki Bituma Dushikama?
  • Wa Wundi Ataboneka Arayobora Abasavyi Biwe
  • Tubone ko Imana ari yo Mwigisha Wacu Mukuru
  • Dutegerezwa Kuzogira Ico Tubazwa
  • Dusabe Yehova Adusuzume
  • Woba ubona “Umwe ataboneka”?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Woba ushobora kubona Imana itaboneka?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Guma Ukorera Yehova Ufise Umutima Uhamye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Hoba hari umuntu yigeze kubona Imana?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
w01 1/7 rup. 14-19

Nimugume Mushikamye nk’Aho Mubona Iyitaboneka!

“[Musa yagumye a]shikamye nk’ah’abona Ītaboneka.”​—ABAHEBURAYO 11:27.

1. Ni amajambo yibonekeje ayahe ku vyerekeye Imana Yezu yavuze muri ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi?

YEHOVA ni Imana itaboneka. Igihe Musa yasaba kubona ubuninahazwa bwa Yehova, Yehova yishuye ati: “Ntiworāba mu nyonga hanje: kuk’umuntu atondāba mu nyonga ngw abeho.” (Kuvayo 33:20) Intumwa Yohani na we yanditse ati: “Nta muntu yigeze kubona Imana na rimwe.” (Yohana 1:18) Igihe Yezu Kirisitu yari umuntu kw’isi, na we nyene ntiyashobora kubona Imana. Ariko rero, muri ya Nsiguro yiwe yo ku Musozi, Yezu yavuze ati: “Hahirwa abafise imitima itanduye, kukw ari bo bazobona Imana.” (Matayo 5:8) Yezu yashaka kuvuga iki?

2. Ni kuki tudashobora kubona Imana n’amaso yacu y’umubiri?

2 Ivyanditswe bidondora Yehova ko ari Impwemu itaboneka. (Yohana 4:24; Ab’i Kolosayi 1:15; 1 Timoteyo 1:17) Ni co gituma Yezu atariko avuga yuko twebwe abantu twoshoboye kubona Yehova n’amaso yacu y’umubiri. Ego ni ko, Abakirisu basizwe bazobona Yehova Imana mw’ijuru nibamara kuzuka bakaba ibiremwa vy’impwemu. Mugabo, abantu “bafise imitima itanduye” kandi bafise icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera kw’isi, na bo nyene barashobora “kubona” Imana. Ivyo bishoboka gute?

3. Abantu bashobora gute gutahura kamere zimwezimwe z’Imana?

3 Hariho ikintu twiga ku vyerekeye Yehova mu kwihweza twitonze ibintu yaremye. Gutyo, twoshobora kujorezwa n’ububasha bwiwe maze tukavyurirwa umutima wo kumwemera icese ko ari we Mana Rurema. (Abaheburayo 11:3; Ivyahishuriwe 4:11) Ku bijanye n’ivyo, intumwa Paulo yanditse ati: “[Kamere z’Imana z]itaboneka [z]ayo, ni [z]o bushobozi bgayo budashira n’ubumana bgayo, bibonwa neza, uhereye ku kuremwa kw’isi, bimenyekanishwa n’ivyo yaremye.” (Abaroma 1:20) Rero amajambo ya Yezu yerekeye kubona Imana arimwo ubushobozi bwo gutahura kamere zimwezimwe za Yehova. Ukwo kubona gushingiye ku bumenyi ntagakosa, kandi umuntu agutahura mu buryo bw’impwemu akoresheje ‘amaso y’umutima.’ (Abanyefeso 1:18) Amajambo n’ibikorwa vya Yezu birahishura kandi vyinshi ku vyerekeye Imana. Ni co gituma Yezu yavuze ati: “Ūbonye jewe aba abonye Data.” (Yohana 14:9) Yezu yaragaragaje kamere za Yehova mu buryo butagira agahaze. Bityo rero, kumenya ubuzima bwa Yezu n’inyigisho ziwe birashobora kudufasha kubona, canke gutahura kamere zimwezimwe z’Imana.

Gutahura Ibintu vy’Impwemu Ni Ngirakamaro Cane

4. Abenshi muri iki gihe bagaragaza gute ko baterekwa ibintu vy’impwemu?

4 Muri iki gihe, ukwizera n’ugutahura nyakuri ibintu vy’impwemu ni imbonekarimwe koko. Paulo yavuze ati: “Ukwizera [ntigu]fiswe na bose.” (2 Ab’i Tesalonike 3:2) Benshi batwawe n’ukwiruka inyuma y’ivyabo bwite ku buryo batizera Imana. Ukuntu bigenza mu buryo burangwa icaha be n’ukuntu badatahura ibintu vy’impwemu, birababuza kuyibona bakoresheje amaso yo gutahura, kubera yuko intumwa Yohani yanditse ati: “Ūkora ibibi ntiyabonye Imana.” (3 Yohana 11) Kubera yuko abantu nk’abo batabona Imana n’amaso nya maso yabo, bakora ibintu nk’aho yoba itabona ivyo bariko baragira. (Ezekiyeli 9:9) Barakengera ibintu vy’impwemu, ari co gituma badashobora kuronka “ukumenya Imana.” (Imigani 2:5) Mu buryo bukwiriye rero, Paulo yanditse ati: “Umuntu afise umubiri n’ubgenge gusa ntiyemera ivy’[im]pwemu [y]’Imana: kukw ar’ubupfu kuri we, kandi ntashobora kubimenya, kuko vyitegerezwa mu buryo bg’impwemu.”​—1 Ab’i Korinto 2:14.

5. Ni igiki abantu bashira umuzirikanyi ku bintu vy’impwemu bazi?

5 Ariko rero, niba dushira umuzirikanyi wacu ku bintu vy’impwemu, tuzokwama nantaryo tuzi yuko naho Yehova atari Imana iguma irondera gutora amahinyu, azi igihe dukora ibintu tubitumwe n’ivyiyumviro canke ivyipfuzo bibi. Nkako, “ingendo z’umuntu zir’imbere y’inyonga z’Uhoraho, kand’asēna inzira ziwe zose.” (Imigani 5:21) Mu gihe icaha codutubiranya, turavyurirwa umutima wo kwigaya no kurondera guharirwa na Yehova, kubera yuko tumukunda kandi tudashaka kumubabaza.​—Zaburi 78:41; 130:3.

Ni Ibiki Bituma Dushikama?

6. Gushikama bisobanura iki?

6 Naho Yehova tutamubona n’amaso yacu, nimuze nantaryo twibuke yuko tweho atubona. Kumenya yuko abaho no kujijuka yuko ari hafi y’abantu bose bamwambaza, bizodufasha gushikama, tudahungabana kandi tutanyiganyiga mu kuba abizerwa kuri we. (Zaburi 145:18) Turashobora kuba nka Musa, uwo Paulo yanditse ibimwerekeye ati: “Ukwizera ni kwo kwatumye ava muri Egiputa, ntiyatinya uburake bg’umwami, kuko yashikamye nk’ah’abona Ītaboneka.”​—Abaheburayo 11:27.

7, 8. Ni ibiki vyatumye Musa agira umutima rugabo imbere ya Farawo?

7 Mu kurangura ibanga yari yashinzwe n’Imana ryo kuyobora Abisirayeli akabakura mu buja bwo mu Misiri, Musa kenshi yaraserutse imbere ya ya ntwazamukazo Farawo, ku kirimba c’i bwami cuzuye abantu bakomakomeye b’abanyedini canke b’abasirikare. Nta nkeka ko impome z’ikirimba zari zitonzeko ibigirwamana. Mugabo Yehova naho ataboneka, ntiyari umugani kuri Musa, ivyo bikaba bitandukanye na vya bigirwamana vyagereranya imana zo mu Misiri zitagira ubuzima. Ntibitangaje kuba Musa atatewe ubwoba na Farawo!

8 Ni igiki cahaye Musa umutima rugabo wo guseruka imbere ya Farawo akatari gake? Ivyanditswe bitubwira yuko “uwo mugabo Mose yar’umugwaneza kurusha abantu bose bo mw isi.” (Guharūra 12:3) Biragaragara ko ugukomera kwa Musa mu vy’impwemu be n’ukuntu yari yarajijutse yuko Imana yari kumwe na we, vyamuhaye inkomezi zikenewe kugira ngo aserukire ‘Iyitaboneka’ imbere y’umwami w’imburakigongwe wa Misiri. Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe ‘ababona’ ya Mana itaboneka bagaragaza ko bayizeye muri iki gihe?

9. Ni mu buryo bumwe ubuhe dushobora kuguma dushikamye?

9 Uburyo bumwe bwo kugaragaza ukwizera no kubandanya gushikama nk’aho umuntu abona wa wundi ataboneka, ni mu kwamamaza n’umutima rugabo naho hoba hari uruhamo. Yezu yaburiye abigishwa biwe ati: “Muzoba mwanswe na bose babahōra izina ryanje.” (Luka 21:17) Yababwiye kandi ati: “Umushumba ntaruta shebuja; namba bārampamye, namwe bazobahama.” (Yohana 15:20) Mu buryo buhuje n’amajambo ya Yezu, inyuma gato y’urupfu rwiwe, abayoboke biwe barahamwe cane mu kugirwako iterabwoba, mu gufatwa no mu gukubitwa. (Ivyakozwe 4:1-3, 18-21; 5:17, 18, 40) Naho hariho igihuhusi c’uruhamo, intumwa za Yezu be n’abandi bigishwa barabandanije kwamamaza inkuru nziza bashize amanga.​—Ivyakozwe 4:29-31.

10. Ukwizigira yuko Yehova atwitwararika mu kudukingira, bidufasha gute mu busuku?

10 Nka kurya kwa Musa, abayoboke ba Yezu bo mu ntango ntibaterwa ubwoba n’abansi babo benshi baboneka. Abigishwa ba Yezu barizera Imana, kandi ico vyavuyemwo ni uko bashoboye kwihanganira uruhamo rukaze bacamwo. Egome, barabandanije gushikama nk’aho babona iyitaboneka. Muri iki gihe, ukwama nantaryo tuzi yuko Yehova atwitwararika mu kudukingira biratuma dushira amanga, bikaduha umutima rugabo n’ukudatinya mu gikorwa cacu co kwamamaza Ubwami. Ijambo ry’Imana rivuga yuko “gutinya abantu [ari] ukwitega umutego, arik’uwizigira Uhoraho azoba amahoro.” (Imigani 29:25) Ku bw’ivyo, ntitwiyonjorora kubera ubwoba bwo guhamwa; eka mbere ntitunaterwa isoni n’ubusuku bwacu. Ukwizera kwacu kuratuvyurira umutima wo gushinga intahe n’umutima rugabo ku babanyi, ku bo dukorana, ku bo twigana be no ku bandi.​—Abaroma 1:14-16.

Wa Wundi Ataboneka Arayobora Abasavyi Biwe

11. Nk’uko Petero na Yuda babivuze, abantu bamwebamwe bari bifatanije n’ishengero rya gikirisu bagaragaje gute ko batari bakomeye mu vy’impwemu?

11 Ukwizera kuradufasha kubona ko Yehova ari we ayobora ishirahamwe ryiwe ryo kw’isi. Bityo rero, turirinda kugira agatima ko kunegura abikoreye amabanga mw’ishengero. Intumwa Petero na Yuda mwenenyina wa Yezu, bompi baragabishije abandi ku vyerekeye abantu bamwebamwe bagoyagoya cane mu vy’impwemu ku buryo bacokora abagabo baja imbere abandi mu Bakirisu. (2 Petero 2:9-12; Yuda 8) Mbega abo batora abandi amahinyu, ubwo ivyo bari kubivugira imbere ya Yehova iyo bari kuba bamubona? Nta na gato! Mugabo, kubera Imana itaboneka, abo bantu bishinga ivy’umubiri barananiwe kuzirikana ko bafise ico babazwa kuri yo.

12. Dukwiye kugira iyihe nyifato ku biraba abarongora ishengero?

12 Ego ni ko, ishengero ry’Abakirisu rigizwe n’abantu b’abanyagasembwa. Abasukura bwa bakurambere barakora amakosa ashobora rimwe na rimwe kugira ico akoze kuri twebwe ubwacu. Ariko rero, abantu nk’abo ni bo Yehova ariko akoresha bwa bungere b’umukuku wiwe. (1 Petero 5:1, 2) Abagabo n’abagore bashira umuzirikanyi ku bintu vy’impwemu baremera icese yuko ubwo ari uburyo bumwe Yehova akoresha mu kuyobora abasavyi biwe. Ku bw’ico, kubera turi Abakirisu, turirinda agatima ko kunegura, ko kwidodomba, maze tukagaragaza ko twubaha indinganizo za gitewokarasi Imana yashizeho. Tugamburukiye abaturongora bari muri twebwe, tuba tugaragaje yuko tubona wa wundi ataboneka.​—Abaheburayo 13:17.

Tubone ko Imana ari yo Mwigisha Wacu Mukuru

13, 14. Kubona ko Yehova ari Umucishabwenge Mukuru bisobanura iki kuri wewe?

13 Hariho uwundi muce usaba ko dutahura ibintu mu buryo bw’impwemu. Yesaya yashikirije ubuhanuzi ati: “Amaso yanyu azotegerezwa kuba ayabona Umucishabwenge wanyu Mukuru.” (Yesaya 30:20, NW) Bisaba ukwizera kugira ngo umuntu atahure yuko Yehova ari we atwigisha biciye kw’ishirahamwe ryiwe ryo kw’isi. (Matayo 24:45-47) Kubona Imana ko ari yo Mucishabwenge wacu Mukuru ntibisaba gusa kuguma dufise akamenyero keza mu vy’ukwiga Bibiliya no kwitaba amakoraniro ya gikirisu ubudahengeshanya. Bisobanura kwungukira bimwe vyuzuye ku bintu vyo mu vy’impwemu Imana yatunganije. Nk’akarorero, dukwiye gutega yompi kuruta uko twahora ubuyobozi Yehova atanga biciye kuri Yezu, kugira ngo mu buryo bw’impwemu ntidusubire inyuma mu kujanwa akayombekere.​—Abaheburayo 2:1.

14 Rimwe na rimwe bisaba akigoro kadasanzwe kugira ngo twungukire bimwe vyuzuye ku bifungurwa vy’impwemu. Nk’akarorero, dushobora kugira impengamiro yo guca hejuru inkuru zimwezimwe za Bibiliya dusanga zigoye itahura. Igihe dusoma ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous!, kumbure turasimba ibiganiro bimwebimwe kubera ibivugwamwo bitadushimisha cane. Canke hari aho twoba tureka imizirikanyi yacu ikayerera igihe turi ku makoraniro y’Abakirisu. Ariko rero, turashobora kuguma turi maso mu gihe twozirikana twitonze ku vyiyumviro nyamukuru biriko birarimburwa. Ugukenguruka kugera ibwina dufitiye inyigisho zo mu vy’impwemu turonka, kurerekana yuko twemera icese ko Yehova ari Umucishabwenge wacu Mukuru.

Dutegerezwa Kuzogira Ico Tubazwa

15. Ni gute bamwebamwe bakoze ibintu nk’aho Yehova atababona?

15 Kubera canecane ububisha bwimonogoje muri iki “gihe c’iherezo,” ukwizera umwe ataboneka ni ikintu gihambaye cane. (Daniyeli 12:4) Ubugunge n’ubushegabo vyabaye ndanse. Ego ni ko, ni ibiranga ubukerebutsi kwibuka yuko Yehova yitegereza ibikorwa vyacu n’igihe nyene abantu badashobora kutubona. Bamwebamwe ntibakibona ico kintu. Igihe abandi batababona, barashobora kwisuka mu kwigenza mu buryo butajanye n’Ivyanditswe. Nk’akarorero, bamwebamwe ntibananiye ikigeragezo co kuraba ibinezereza vyonona be n’amashusho yerekana ubushegabo kuri bwa buhinga bwa Internet, kuri televiziyo no ku bundi bwoko bw’ubuhinga bwa none. Kubera yuko umuntu ashobora kwisuka mu bintu nk’ivyo mu mwiherero, bamwebamwe bakoze ibintu nk’aho Yehova atabona uburyo bigenza.

16. Ni igiki gikwiye kudufasha gushira aho ingingo mfatirwako za Yehova ziri hejuru zishize?

16 Ni vyiza kugumiza mu muzirikanyi amajambo y’intumwa Paulo agira ati: “Umuntu wese muri twebge azobazwa n’Imana ivyo yakoze.” (Abaroma 14:12) Dukeneye kumenya yuko igihe cose ducumuye, tuba ducumuye kuri Yehova. Kubimenya bikwiye kudufasha gushira aho ingingo mfatirwako ziwe ziri hejuru zishize, be no kwirinda kwigenza mu buryo buhumanye. Bibiliya itwibutsa iti: “Imbere yayo nta caremwe gihishijwe, ariko vyose vyambaye ubusa, biragaragara, imbere y’inyonga z’Iyizotubaza ivyo twakoze.” (Abaheburayo 4:13) Ego ni ko, dutegerezwa kuzogira ico tubazwa n’Imana, mugabo nta nkeka ko urukundo rugera ibwina dukunda Yehova ari yo mvo nyamukuru ituma dukora ivyo agomba tukongera tugakurikiza ingingo mfatirwako ziwe zigororotse. Nimuze rero twiyubare nko mu vy’uguhitamwo uburyo bwo kwinezereza be no mu kuntu twigenza turi kumwe n’abo tudasangiye igitsina.

17. Yehova atwitegereza afise ukutwitwararika ukuhe?

17 Yehova aritwararika cane ibitwerekeye, mugabo ivyo ntibisobanura yuko arindira ko dukora amakosa kugira ngo abone kuduhana. Ahubwo, aratwitegereza akatwitwararika abigiranye urukundo, nka kurya kwa sebibondo ashaka guha impera abana biwe bamugamburukira. Ese ukuntu bihumuriza kumenya yuko Data wa twese wo mw’ijuru ahimbarwa n’ukwizera kwacu kandi akaba ari “[uwu]ha impēra aba[mu]rondera”! (Abaheburayo 11:6) Nimuze tugaragarize Yehova ukwizera kwuzuye twongere “[tumukorere dufise] umutima utunganye.”​—1 Ngoma 28:9.

18. Kubera ko Yehova atwitegereza kandi akabona ubwizerwe bwacu, Ivyanditswe bidukura amazinda mu biki?

18 Mu Migani 15:3 havuga hati: “Inyonga z’Uhoraho zir’ahantu hose, zītegereza ababi n’abeza.” Egome, Imana ishinga ijisho abantu babi kandi ikabakorera ibihwanye n’ukuntu bigenza. Ariko rero, niba turi mu bantu “beza,” turashobora kwemera tudakeka ko Yehova abona ibikorwa vyacu vy’ubwizerwe. Ese ukuntu bikomeza ukwizera kumenya yuko ‘ubutame bwacu atari ubw’ubusa mu Mwami’ be n’uko wa wundi ataboneka ‘atazokwibagira ibikorwa vyacu n’urukundo twerekanye ko dukunze izina ryiwe’!​—1 Ab’i Korinto 15:58; Abaheburayo 6:10.

Dusabe Yehova Adusuzume

19. Inyungu zimwezimwe ziva ku kwizera Yehova bimwe bikomeye ni izihe?

19 Kubera turi abasavyi ba Yehova b’abizerwa, turi n’agaciro kuri we. (Matayo 10:29-31) Naho ataboneka, arashobora kutaba umugani kuri twebwe, kandi tugashobora gukunda cane ubucuti bw’agaciro dufitaniye na we. Kugira agatima nk’ako ku biraba Data wa twese wo mw’Ijuru biratuzanira inyungu nyinshi. Ukwizera kwacu gukomeye kuradufasha kugira umutima utyoroye be n’ijwi ryo mu mutima ritatwagiriza ikibi imbere ya Yehova. Vyongeye, ukwizera kuzira uburyarya kuraturinda kugira ubuzima burimwo tubiri. (1 Timoteyo 1:5, 18, 19) Ukwizera Imana kwacu kudahungabana kuratanga akarorero keza kandi kugashobora kugira ingaruka nziza ku badukikije. (1 Timoteyo 4:12) Bitayeko, ukwizera nk’ukwo kuratsimbataza imigenzo ishimwa n’Imana, bigatuma umutima wa Yehova unezerwa.​—Imigani 27:11.

20, 21. (a) Ni kuki bihimbaye kuba Yehova aguma adushinze ijisho? (b) Twokwirabishako gute Zaburi 139:23, 24?

20 Niba vy’ukuri turi inkerebutsi, twonezerezwa n’uko Yehova aguma adushinze ijisho. Ntidushaka gusa ko atubona, ariko twipfuza n’uko asuzuma ivyiyumviro vyacu n’ibikorwa vyacu. Mw’isengesho, vyoba vyiza dusavye Yehova gushakashaka muri twebwe maze akabona niba hari impengamiro itabereye twoba dufise. Nta nkeka arashobora kudufasha kwirwanako mu ngorane zacu no guhindura ikintu cose coba gikeneye guhindurwa. Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye bikwiriye ati: “Mana, nsuzuma, umenye umutima wanje, n’uncace, umenye ivyiyumviro vyanje, urābe yuko harih’inzira y’ibibi yoba iri muri jewe, undōngōrere mu nzira y’ibihe bidashira.”​—Zaburi 139:23, 24.

21 Dawidi yatakamvye yuko Yehova yoshakashaka muri we kugira ngo arabe niba hari “inzira y’ibibi” n’imwe yoba imurimwo. Cokimwe n’uwo mwanditsi wa Zaburi, ntiducambirwa none ko Imana yoshakashaka mu mitima yacu kugira ngo irabe niba dukora ibintu tubitumwe n’imvo zitabereye? Dufise ukwizera rero, nimuze dusabe Yehova kudusuzuma. Mugabo, vyogenda gute igihe twoba duhagaritswe umutima n’ukwitwararika ikosa rinaka, canke muri twebwe hakaba hari ikintu kitubabaza? Muri ico gihe, nimuze tubandanye gusenga Imana yacu y’urukundo Yehova n’umwete, kandi dukurikize twicishije bugufi ubuyobozi bw’impwemu yiwe yera be n’impanuro Ijambo ryiwe ritanga. Turashobora kwizigira yuko azodusahiriza akongera akadufasha gukurikirana ingendo izotujana mu buzima budahera.​—Zaburi 40:11-13.

22. Dukwiye kugira umwiyemezo uwuhe ku biraba wa wundi ataboneka?

22 Egome, Yehova azoduhezagira mu kuduha ubuzima budahera nitwashitsa ivyo asaba. Ego ni ko, dutegerezwa kwemera icese ububasha n’ubukuru afise, nk’uko intumwa Paulo yabigize igihe yandika ati: “Umwami ahoraho, adapfa, ataboneka, ari we Mana imwe yonyene, igitinyiro n’icubahiro bibe ivyayo, ibihe bitazoshira. Amen.” (1 Timoteyo 1:17) Nimuze nantaryo twame duserura gutinya Yehova nk’ukwo kuvuye ku mutima. Kandi ivyoshika vyose, nimuze ntitukigere duhungabana mu mwiyemezo wacu wo kubandanya gushikama nk’aho tubona wa wundi ataboneka.

Wokwishura Gute?

• Bishoboka bite ko abantu babona Imana?

• Niba Yehova atari umugani kuri twebwe, tuzokwifata gute nitwahamwa?

• Kubona Yehova nka we Mucishabwenge wacu Mukuru bisobanura iki?

• Ni kuki dukwiye kwipfuza ko Yehova adusuzuma?

[Ifoto ku rup. 14]

Musa, kubera atatewe ubwoba na Farawo, yakoze ibintu nk’aho yoba yarashobora kubona Yehova, ya Mana itaboneka

[Ifoto ku rup. 17]

Nimuze ntitukigere dukora ibintu nk’aho Yehova yoba adashobora kubona ivyo tugira

[Ifoto ku rup. 19]

Turaronderana ubwira ukumenya Imana kubera tuyibona nka yo Mucishabwenge wacu Mukuru

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika