Nutume Iterambere Ryawe Riboneka
“Ivyo ubishirek’umwete, uvyamemwo, kugira ngo kuja imbere kwawe kubonekere bose.”—1 TIMOTEYO 4:15.
1. Wovuga gute ko icamwa gihiye kandi kigeze kuribwa?
NIWIHE ishusho y’icamwa ukunda, nk’akarorero ipapayi, umucungwe, umwembe canke ikindi camwa. Woba ushobora kumenya igihe gihiye kandi kigeze kuribwa? Nta nkeka wobimenya. Akamoto kaco, ibara ryaco n’ukuntu wumva kimeze ugikozeko, ivyo vyose bituma utangura kumiramitwa. Utamiye akamanyu, woshobora kwinovora ukagira uti: “Ese ukuntu kiryoshe! Urumva ukuntu gisosa!” Wumva kikuryoheye.
2. Ubuhumure buboneka gute, kandi ivyo bigira ico bikoze gute ku bucuti umuntu ubwiwe agiranira n’abandi?
2 Ico kintu gisanzwe yamara gihimbaye kirafise igisa na co mu yindi mice y’ubuzima. Kimwe coco, ni uko nk’uko bimera iyo icamwa gihiye, n’umuntu ahumuye mu vy’impwemu arabigaragaza mu buryo butandukanye. Tumenya yuko umuntu ahumuye igihe tubona ko agaragaza ugutegera, uguca mu kajisho, ubukerebutsi n’ibindi. (Yobu 32:7-9) Mu vy’ukuri birahimbaye kwifatanya no gukorana n’abantu bagaragaza kamere nk’izo mu nyifato zabo be no mu vyo bakora.—Imigani 13:20.
3. Ukuntu Yezu yadondoye abantu bo mu gihe ciwe bihishura iki ku vyerekeye ubuhumure?
3 Ku rundi ruhande, umuntu arashobora gukura ku mubiri, ariko uburyo avuga n’ivyo akora bigashobora guhishura yuko adahumuye mu buryo bw’akanyengetera no mu buryo bw’impwemu. Nk’akarorero, Yezu Kirisitu mu kuvuga ivyerekeye rya yaruka rigoramye ryo mu gihe ciwe, yavuze ati: “Yohana yaje, atarya, atanywa, bavuga bat’Ahagazweko na dayimoni. Umwana w’umuntu yaje, arya, anywa, baravuga bati Nguyu umukunzi w’inda n’umunoho wa vino.” Naho abo bantu bari bakuze ku mubiri, Yezu yavuze yuko bakora ibintu nk’“abana,” ni ukuvuga ko batari bahumuye. Ni co gituma yongeyeko ati: “Kand’ubgenge burangwa ko bugororotse n’ibikorwa vyabgo.”—Matayo 11:16-19.
4. Iterambere n’ubuhumure bigaragazwa mu buryo butandukanye ubuhe?
4 Dufatiye kuri ayo majambo Yezu yavuze, turashobora kubona yuko ibikorwa vy’umuntu be n’ico bivamwo, ari vyo vyerekana ko afise canke adafise ubukerebutsi nyakuri, bukaba ari co kimenyetso kiranga ubuhumure. Ku bijanye n’ivyo, raba impanuro intumwa Paulo yahaye Timoteyo. Paulo amaze kudondagura ibintu Timoteyo akwiye gukurikirana, yavuze ati: “Ivyo ubishirek’umwete, uvyamemwo, kugira ngo kuja imbere kwawe kubonekere bose.” (1 Timoteyo 4:15) Egome, iterambere Umukirisu agira agana ku buhumure ‘riraboneka,’ canke riragaragara. Ubuhumure bw’Umukirisu, nka kurya kw’umuco waka, si kamere itaboneka canke yihishije. (Matayo 5:14-16) Turaja rero kurimbura uburyo bubiri nyamukuru bw’ukuntu iterambere be n’ubuhumure vyoshobora kugaragara: (1) kurushiriza kugira ubumenyi, ugutahura, be n’ubukerebutsi; (2) kugaragaza ivyamwa vy’impwemu.
Ubumwe Buva ku Kwizera no ku Bumenyi
5. Ubuhumure bushobora gusigurwa gute?
5 Inyizamvugo nyinshi zidondora ikintu ceze yuko kiba gikomeye, gikuze, kimaze kugera aho kitakirenga, canke gishitse ku mero umuntu yipfuza. Icamwa, nk’uko twabivuze mu ntango, kiba ceze canke gihiye igihe kigeze aho kitakirenga, kandi ukuntu gisa, ibara, akamoto be n’akanovera bikaba vyabaye uko bikwiye kumera. Ijambo ubuhumure rero rirafitaniye isano n’ikintu ciza cane, kitagira agahaze, eka mbere kitagira agasembwa.—Yesaya 18:5; Matayo 5:45-48; Yakobo 1:4.
6, 7. (a) Ni ibiki vyerekana yuko Yehova yitwararika cane ivy’uko abamusenga bose batera imbere bagana ku buhumure bwo mu buryo bw’impwemu? (b) Ubuhumure bwo mu vy’impwemu bufitaniye isano cane n’iki?
6 Yehova Imana aritwararika cane ivy’uko abamusenga bose batera imbere gushika ku buhumure bwo mu vy’impwemu. Kugira abishikeko, yarashizeho intunganyo nziza igitangaza mw’ishengero ry’Abakirisu. Intumwa Paulo yandikiye Abakirisu b’i Efeso ati: “Yahaye bamwe kuba intumwa, abandi kuba abavugishwa na we, abandi kuvuga ubutumwa bgiza, abandi kuba abungere n’abigisha: kugira ngw abera babone gutungana, baheze bakore igikorwa co kugabura ivy’Imana, bubake umubiri wa Kristo: kugeza aho twese tuzoshikira ku kugiriranira ubumwe buva ku kwizera n’ukumenya [mu buryo butagira agakosa] Umwana w’Imana, kandi kugeza aho tuzoshikira kuba abantu bakuze, no ku rugezo rw’ubginshi bg’ukunengesera kwa Kristo: kugira ngo dushire ubgana, ntituzungazungishwe n’imipfunda, ngo tujanwe irya n’ino n’imiyaga yose y’inyigisho n’amangetengete y’abantu, n’ubugunge bgabo, n’uburyo bginshi bgo kutuzimiza.”—Abanyefeso 4:11-14.
7 Muri iyo mirongo, Paulo yasiguye yuko mu mvo zatumye Imana ishiraho intunganyo zikwiye nk’izo zo mu buryo bw’impwemu mw’ishengero ari uko twese ‘twoshikira ukugiriranira ubumwe buva ku kwizera no ku bumenyi ntagakosa,’ (twocika “abantu bakuze” n’uko twogira ‘urugezo rw’ubwinshi bwo kunengesera kwa Kirisitu.’ Aho gusa ni ho tuzokingirwa ukuzungazungishwa nk’impinja zo mu buryo bw’impwemu n’ivyiyumviro be n’inyigisho vy’ikinyoma. Gutyo turabona isano riri hagati y’ugutera imbere ugana ku buhumure bwa gikirisu no kugira “ubumwe buva ku kwizera n’ukumenya Umwana w’Imana.” Hariho ivyiyumviro bitari bike mu mpanuro Paulo yatanze vyoba vyiza dushize ku mutima.
8. Ugushikira “ubumwe” buva ku kwizera no ku bumenyi ntagakosa bisaba iki?
8 Ubwa mbere, kubera ko “ubumwe” butegerezwa kuzigamwa, Umukirisu ahumuye ategerezwa kugiranira ubumwe n’Abakirisu bagenziwe kandi agahuza na bo mu vyerekeye ukwizera n’ubumenyi. Ntashigikira canke ngo ashimike ku vyiyumviro vyiwe bwite canke ngo agume avyumiyeko mu vyerekeye ugutahura Bibiliya. Ahubwo, arizigira ukuri bimwe bikwiye nk’uko guhishurwa na Yehova Imana biciye ku Mwana wiwe Yezu Kirisitu be no kuri wa “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” (NW). Twihereje ubudahorereza imfungurwa zo mu buryo bw’impwemu zitangwa “ku gihe kibereye” (NW) biciye ku bisohokayandikiro vya gikirisu, ku makoraniro, ku materaniro be no ku mahwaniro, turashobora kudakeka yuko tuzigama “ubumwe” dufitaniye n’Abakirisu bagenzi bacu buva ku kwizera no ku bumenyi.—Matayo 24:45.
9. Sigura insobanuro y’imvugo “ukwizera” nk’uko yakoreshejwe na Paulo mw’ikete yandikiye Abanyefeso.
9 Ubugira kabiri, imvugo ngo “ukwizera” ntiyerekeza ku kujijuka Umukirisu wese afise, ahubwo yerekeza ku vyo twemera vyose, ni ukuvuga ku “bwaguke n’uburebure n’ubwira n’ubwimbike” (UB) bwavyo. (Abanyaefezi 3:18; 4:5; Ab’i Kolosayi 1:23; 2:7) Kukaba nkako, vyoshoboka gute ko Umukirisu agiranira ubumwe n’abo basangiye ukwemera mu gihe yoba yizera canke yemera gusa imice imwimwe y’“ukwizera”? Ivyo bisobanura yuko tudategerezwa kubumbwa no kumenya gusa inyigisho z’ishimikiro zerekeye Bibiliya canke ngo tubumbwe no kumenya ukuri mu buryo budatomoye canke budahagije. Ahubwo, dukwiye kwitwararika kwungukira ku ntunganyo zose Yehova ashiraho biciye kw’ishirahamwe ryiwe kugira ngo twimbe gushika ibwina mw’Ijambo ryiwe. Uko bishoboka kwose, dutegerezwa kwihatira gutahura mu buryo butagira agakosa kandi bukwiye ivyo Imana igomba be n’umugambi wayo. Ivyo birimwo gufata umwanya wo gusoma no kwiga Bibiliya be n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri yo, gusaba Imana kugira ngo idufashe yongere ituyobore, kwitaba amakoraniro y’Abakirisu ubudasiba, no kugira uruhara bimwe bishitse mu gikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa.—Imigani 2:1-5.
10. Amajambo “gushika aho twese tuzoshikira,” akoreshwa mu Banyefeso 4:13 asobanura iki?
10 Ubugira gatatu, Paulo yatanguje amajambo agira ngo “gushika aho twese tuzoshikira,” imbere yuko adondora intumbero irimwo zitatu. Ku vyerekeye imvugo ngo “twese,” igitabu kimwe gisigura ivya Bibiliya gisobanura ko “atari ukuvuga bose bagiye barafatwa umwe wese ukwiwe, ahubwo ko ari bose bafatiwe hamwe.” Mu yandi majambo, umwe wese muri twebwe akwiye kugira akigoro ashoboye kugira ngo akurikirane intumbero yo gushikira ubuhumure bwa gikirisu asenyera ku mugozi umwe n’ikivukano cose uko kingana. Igitabu kimwe (The Interpreter’s Bible) kivuga ibi: “Umuntu yikumiriye ntashobora gushikira ukunengesera kwo mu buryo bw’impwemu, nka kurya nyene igihimba kimwe c’umubiri kidashobora gushikira aho gikwiye kugeza mu gukura, umutumba wose utabandanije gukura neza.” Paulo yibukije Abakirisu b’i Efeso yuko bakwiye kwihatira gutahurira hamwe “n’abera bose” ukwizera kwose.—Abanyefeso 3:18a.
11. (a) Gutera imbere mu vy’impwemu, ni igiki bidasobanura? (b) Dukeneye gukora iki kugira ngo dutere imbere?
11 Dufatiye ku majambo ya Paulo, biratomoye ko gutera imbere mu vy’impwemu bidasobanura gusa kwuzuza umuzirikanyi wacu ubumenyi be n’ubwenge bwinshi. Umukirisu ahumuye si umwe atangaza abandi mu kubereka ko ari incabwenge yaminuje. Ahubwo, Bibiliya ivuga iti: “Inzira y’abagororotsi imeze nk’umuco wo mu gatondotondo, ugenda urushiriza gukayangana gushitsa hakeye rwose.” (Imigani 4:18) Egome, ni “inzira . . . [i]genda [i]rushiriza gukayangana,” si umuntu. Nitwagira akigoro igihe cose ko kuguma dufise ugutahura gukayangana kw’Ijambo rya Yehova ukwo ariko araha abasavyi biwe, tuzoba turiko turatera imbere mu vy’impwemu. Muri ubwo buryo, gukomera ku muheto ni ugutera uja imbere, kandi ico ni ikintu twese dushobora kugira.—Zaburi 97:11; 119:105.
Nugaragaze ‘Ivyamwa vy’Impwemu’
12. Ni kuki kugaragaza ivyamwa vy’impwemu ari ikintu gihambaye mu gihe turondera gutera imbere mu vy’impwemu?
12 Naho gushikira ‘ubumwe buva ku kwizera no ku bumenyi ntagakosa’ bihambaye kuri twebwe, kugaragaza ivyamwa vy’impwemu y’Imana mu mice yose y’ubuzima bwacu bihambaye ku rugero rumwe. Kuki? Ni kubera yuko nk’uko twabibonye, ubuhumure atari ubutaboneka canke ubuhishijwe, ahubwo ko burangwa n’ibintu bigaragara bishobora kwungura no kwubaka abandi. Birumvikana, ntiturondera gutera imbere mu vy’impwemu twihatira gusa kuboneka nk’abaciye ubwenge canke kwishima. Ahubwo, uko dukura mu buryo bw’impwemu, tukareka impwemu y’Imana ikatuyobora, ni ko hazoba amahinduka meza igitangaza mu nyifato zacu no mu vyo dukora. Intumwa Paulo yavuze iti: “Mugendeshwe n’[im]pwemu, ni ho mutazoshitsa ivy’akameremere kanyu kifuza.”—Ab’i Galatiya 5:16.
13. Ni ihinduka irihe ari ikimenyamenya gitomoye c’iterambere?
13 Paulo yabandanije atondekanya “ibikorwa vy’akameremere,” na vyo bikaba ari umuyoro kandi “b[i]menyekana.” Imbere yuko umuntu atahura ivyo Imana isaba, ubuzima bwiwe bushobora kuba bwakurikiza inzira z’isi, kandi bugashobora kuba bwari bwuzuye bimwebimwe mu bintu Paulo yavuze: “ubushakanyi, ibihumanya, ivy’isoni nke, gusenga ibigirwamana, uburozi, ubgansi, intonganya, ishari, uburake, ikēba, kwitandukanya, ibice, igono, kuborerwa, kudandahirwa, n’ibindi ben’ivyo.” (Ab’i Galatiya 5:19-21) Ariko uko umuntu atera imbere mu vy’impwemu, buhorobuhoro aratsinda ivyo “bikorwa vy’akameremere” bibi maze akabisubiriza ‘ivyamwa vy’impwemu.’ Iryo hinduka riboneka ni ikimenyamenya gitomoye c’uko umuntu ariko aratera imbere agana ku kuba Umukirisu ahumuye.—Ab’i Galatiya 5:22.
14. Sigura izi mvugo zibiri “ibikorwa vy’akameremere” be n’‘ivyamwa vy’impwemu.’
14 Dukwiye kuraba neza izo mvugo zibiri: “ibikorwa vy’akameremere” be n’‘ivyamwa vy’impwemu.’ “Ibikorwa” ni ibintu biva mu vyo umuntu agira. Mu yandi majambo, ibintu Paulo yatondetse avuga ko ari ibikorwa vy’akameremere ni ingaruka z’ivyo umuntu akora nkana canke biva ku kosho k’umubiri w’umuntu munyagasembwa. (Abaroma 1:24, 28; 7:21-25) Ku rundi ruhande, imvugo ngo ‘ivyamwa vy’impwemu’ yerekana yuko izo kamere zitondetswe atari iziva ku twigoro twitwa ngo ni utwo gutsimbataza kamere yinaka canke kuyiryohora, ahubwo ko ari ingaruka y’ivyo impwemu y’Imana ikora ku muntu. Nka kurya igiti cama ivyamwa igihe kibungabunzwe neza, ni ko n’umuntu agaragaza ivyamwa vy’impwemu igihe impwemu yera ikora mu buzima bwiwe ata kiyitangiriye.—Zaburi 1:1-3.
15. Ni kuki bihambaye kwitwararika imice yose y’‘ivyamwa vy’impwemu’?
15 Ikindi ciyumviro dukwiye kurimbura ni ukuntu Paulo akoresha ijambo ‘ivyamwa’ ishiramwo kamere zose nziza yavuze. Impwemu ntiyama ivyamwa bitandukanye kugira ngo dushobore gutoramwo ikituryoheye. Kamere zose nziza zatondetswe na Paulo, ni ukuvuga urukundo, umunezero, amahoro, kwihangana, kugira neza, ingeso nziza, ukwizera, ubugwaneza, ukwirinda, zose zihambaye kumwe kandi zose hamwe zituma umuntu ashobora kwambara wa muntu mushasha wa gikirisu. (Abanyefeso 4:24; Ab’i Kolosayi 3:10) Rero, naho twosanga zimwezimwe muri izo kamere ari zo zigaragaza cane mu buzima bwacu kubera uko tumeze be n’impengamiro zacu bwite, birahambaye yuko twitwararika imice yose yavuzwe na Paulo. Tubigenjeje gutyo, turashobora kurushiriza kugaragaza bimwe bishitse kamere nk’iza Kirisitu mu buzima bwacu.—1 Petero 2:12, 21.
16. Dukurikirana ubuhumure bwa gikirisu dufise intumbero iyihe, kandi dushobora kuyishikira gute?
16 Icigwa gihambaye dushobora kwigira ku mwihwezo Paulo yagize ni ic’uko mu gihe dukurikirana ubuhumure bwa gikirisu, intumbero yacu itari iyo kuronka ubumenyi bwinshi be n’ubwenge bwinshi canke gutsimbataza kamere zitagira akanenge. Ni iyo kugira ngo impwemu y’Imana ikore ata kiyitangiriye mu buzima bwacu. Uko ivyiyumviro vyacu be n’ivyo dukora bigenda bikurikiza uburongozi bw’impwemu y’Imana, ni ko ducika abahumuye mu vy’impwemu. Iyo ntumbero dushobora kuyishikira gute? Dutegerezwa kwugurura umutima wacu be n’umuzirikanyi kugira ngo impwemu y’Imana ibikoreremwo. Ivyo birimwo ukwitaba amakoraniro y’Abakirisu tudahorereza kandi tukayagiramwo uruhara. Dukwiye kandi kwiga no kuzirikana kw’Ijambo ry’Imana ubudahorereza, tukareka ingingo ngenderwako zaryo zikatuyobora mu vyo tugirana n’abandi no mu mahitamwo tugira, eka no mu ngingo dufata. Nta nkeka rero, iterambere ryacu rizoboneka mu buryo bugaragara.
Nutere Imbere Kugira ngo Imana Ininahazwe
17. Ugutera imbere bifitaniye isano gute n’ukuninahaza Data wa twese wo mw’ijuru?
17 Amaherezo, tugize iterambere riboneka, ntibituma twebwe tuninahazwa kandi dushemezwa, ahubwo uwuninahazwa akongera agashemezwa ni Data wa twese wo mw’ijuru, Yehova, we atuma bishoboka ko turonka ubuhumure bwo mu vy’impwemu. Mw’ijoro ry’imbere yuko Yezu yicwa, yabwiye abigishwa biwe ati: “Mur’ivyo Data arashimagizwa, ni mwama cane, kandi mukaba abigishwa banje.” (Yohana 15:8) Bivuye ku vyamwa vy’impwemu be no ku vyamwa vy’Ubwami biva ku busuku bwabo, abo bigishwa baratumye Yehova aninahazwa.—Ivyakozwe 11:4, 18; 13:48.
18. (a) Ni iyimbura riteye umunezero irihe ririko riraba muri iki gihe? (b) Iryo yimbura rituma haba urugamba uruhe?
18 Muri iki gihe, umuhezagiro wa Yehova uri ku basavyi biwe uko bagira uruhara mw’iyimbura ryo mu buryo bw’impwemu rirangurwa ku mubumbe wose. Ubu haraciye imyaka itari mike uko umwaka utashe abashasha nk’300.000 biyegurira Yehova bakongera bakabigaragaza mu kubatizwa mu mazi. Ivyo biratuma duhimbarwa, kandi nta nkeka biratuma n’umutima wa Yehova unezerwa. (Imigani 27:11) Ariko rero, kugira ngo ivyo bibandanye kuba isoko ry’umunezero n’ishemezo kuri Yehova, abo bashasha bose bakeneye ‘kugendera muri Kirisitu, bagashinga imizi muri we, bakubakwa muri we, bashikamishijwe n’ukwizera.’ (Ab’i Kolosayi 2:6, 7) Ivyo birimwo urugamba rwo mu buryo bubiri ku basavyi b’Imana. Ku ruhande rumwe, nimba ubatijwe vuba, woba uzokwemera kurwana urugamba rwo kwihata kugira ngo “ukuja imbere kwawe kubonekere bose”? Ku rundi ruhande, nimba umaze mu kuri igihe kinaka, woba uzokwemera kurwana urugamba rwo kwiremeka ibanga ryo kwitwararika ineza yo mu vy’impwemu y’abantu bashasha? Muri ivyo bihe vyompi, biratomoye ko dukeneye gutera tuja imbere tugana ku buhumure.—Ab’i Filipi 3:16; Abaheburayo 6:1.
19. Ni agateka akahe be n’imihezagiro iyihe bishobora kuba ivyawe mu gihe iterambere ryawe ryoboneka?
19 Imihezagiro myiza igitangaza irarindiriye abo bose bakora bivuye inyuma kugira ngo iterambere ryabo riboneke. Niwibuke amajambo aremesha Paulo yavuze amaze guhimiriza Timoteyo gutera imbere. Agira ati: “Wirinde ubgawe no ku vyo wigisha. Wame ushishikara ivyo, kuko ni wagira urtyo uzokwikizanya n’abakwumva.” (1 Timoteyo 4:16) Ugize ubwira mu gutuma iterambera ryawe riboneka, na wewe urashobora kugira agateka ko kuninahaza izina ry’Imana no kwinovora imihezagiro yayo.
Woba Uvyibuka?
• Ni mu buryo butandukanye ubuhe ubuhumure bwo mu vy’impwemu bushobora kuboneka?
• Ni ubumenyi n’ugutahura bwoko ki bigaragaza ubuhumure?
• Ukugaragaza ‘ivyamwa vy’impwemu’ vyerekana gute iterambere ryo mu vy’impwemu?
• Ni urugamba uruhe dukwiye kwemera kurwana uko dutera imbere tugana ku buhumure?
[Ifoto ku rup. 24]
Biroroshe kubona ko icamwa gihiye canke gikomeye
[Ifoto ku rup. 27]
Dutera imbere mu vy’impwemu mu kuguma tujana n’ukuri guhishurwa
[Ifoto ku rup. 28]
Isengesho riradufasha kugaragaza ‘ivyamwa vy’impwemu’