Yehova Ni We Buhungiro Bwacu
“Wagize Uhoraho ubuhungiro bgawe, . . . nta kibi kizogira ico kikugira.”—ZABURI 91:9, 10.
1. Ni kuki dushobora kuvuga yuko Yehova ari ubuhungiro bwacu?
YEHOVA ni ubuhungiro nyakuri ku basavyi biwe. Nimba twibanda kuri we tugaherezako, twoshobora ‘gusugerezwa impande zose, ariko ntidushike mu mbombane; tukazazanirwa, ariko ntituranduke umutima; tugahamwa, ariko ntiduhebwe, tugakubitwa hasi, ariko ntitugweho.’ Kubera iki? Kubera yuko Yehova aduha “ubushobozi buhebuje.” (2 Ab’i Korinto 4:7-9) Egome, Data wa twese wo mw’ijuru aradufasha gukurikirana ubuzima bushimwa n’Imana, kandi turashobora gushira ku mutima aya majambo y’umwanditsi wa Zaburi agira ati: “Wagize Uhoraho ubuhungiro bgawe, Īsumba vyose wayigize uburuhukiro; nta kibi kizogira ico kikugira.”—Zaburi 91:9, 10.
2. Dushobora kuvuga iki ku biraba Zaburi ya 91 be n’ivyo isezerana?
2 Ayo majambo yo muri Zaburi ya 91 ashobora kuba yanditswe na Musa. Hari amajambo y’intangamarara avuga ko ari we yatunganije Zaburi ya 90, kandi Zaburi ya 91 ikaba iyikurikira ata yandi majambo aciyemwo yerekana ko ari uwundi yayanditse. Kumbure Zaburi ya 91 yaririmbwe mu buryo bw’ibitero n’ivyitabirizo; ni ukuvuga ko umuntu umwe ashobora kuba yarabanza kuririmba (91:1, 2), maze umugwi w’abaririmvyi ukitabira (91:3-8). Birashoboka yuko ijwi ry’umwe ari ryo ryaca ryumvikana (91:9a) maze rikitabirwa n’umugwi w’abaririmvyi (91:9b-13). Maze umuririmvyi umwe ashobora kuba ari we yaca aririmba amajambo arangiza (91:14-16). Uko bimeze kwose, Zaburi ya 91 isezeranira Abakirisu basizwe uko bagize umugwi umutekano wo mu vy’impwemu ikongera igasubiriza umutima mu nda na bagenzi babo biyeguye tubafatiye hamwe.a Nimuze turimbure iyo Zaburi dufatiye ku kuntu abo basuku ba Yehova bose bayibona.
Umutekano mu ‘Bwigobeko bw’Imana’
3. (a) “Ubgigobeko bg’Īsumba vyose” ni iki? (b) “[Ducumbitse] mu gitutu c’Īshobora vyose” bitugendera gute?
3 Umwanditsi wa Zaburi aririmba ati: “Ūba mu bgigobeko bg’Īsumba vyose azokwama ari mu gitūtu c’Īshobora vyose. Ndabgira Uhoraho, nt’Ur’ubuhungiro bganje n’igihome kinkīngira, Imana yanje nizigira.” (Zaburi 91:1, 2) “Ubgigobeko bg’Īsumba vyose” ni ikibanza c’ikigereranyo dukingirirwamwo, na canecane abasizwe, kuko ari bo ahanini Shetani yihatira gutera. (Ivyahishuriwe 12:15-17) Iyo Yehova ataba adukingira turi abashitsi biwe bo mu buryo bw’impwemu, Shetani yotwirahira twese. Kubera “[ducumbitse] mu gitutu c’Īshobora vyose,” twibereye mu gitutu c’Imana kidukingira. (Zaburi 15:1, 2; 121:5) Nta buhungiro burangwamwo umutekano buriho buruta Umukama Segaba Yehova, canke igihome gikingira kimurusha kuba igiteye ubwoba.—Imigani 18:10.
4. Ni ibikoresho ibihe Shetani wa ‘mutezi w’inyoni,’ akoresha kandi tumucika gute?
4 Umwanditsi wa Zaburi yongerako ati: “Kukw ari [we Yehova a]zogukiza umutego w’umutezi [w’inyoni], n’ikīza [“gitera amagume,” “NW”].” (Zaburi 91:3) Umutezi w’inyoni wo muri Isirayeli ya kera kenshi yafata inyoni akoresheje imitego. Mu mitego wa ‘mutezi w’inyoni’ Shetani akoresha, harimwo ishirahamwe ryiwe rikora ikibi be n’“ibikorwa vy’uruyeri” vyiwe. (Abanyefeso 6:11, NW, akajambo k’epfo) Imitego inyegejwe irashirwa mu nzira ducamwo kugira ngo idukwegere mu bubisha gutyo bitume twononekara mu vy’impwemu. (Zaburi 142:3) Ariko rero, kubera yuko twamiriye kure ukutagororoka, ‘ubugingo bwacu burakira nk’uko inyoni iva mu mutego w’abatezi.’ (Zaburi 124:7, 8) Ese ukuntu dukura ubwatsi kubona Yehova adukura mu vyara vya wa ‘mutezi w’inyoni’ w’umubisha!—Matayo 6:13.
5, 6. Ni ikihe “kīza” cateye “amagume,” mugabo ni kuki kidahitana abasavyi ba Yehova?
5 Umwanditsi wa Zaburi aravuga “ikīza gitera amagume.” Nka kurya kw’indwara y’akaranda yandukira, hariho ikintu gitera “amagume” umuryango w’abantu n’abashigikira ubusegaba bwa Yehova. Ku bivyerekeye, umutohozakahise Arnold Toynbee yanditse ati: “Kuva aho Intambara ya Kabiri y’Isi Yose irangiriye, ukwishimira igihugu kwatumye igitigiri c’ibihugu vyikukira kandi bikigenga congerekana incuro zibiri . . . Abantu muri iki gihe baguma barushiriza kugaragaza agatima ko kwicamwo ibice.”
6 Mu binjana n’ibindi, abategetsi bamwebamwe baregenyeje umuriro w’indyane zituma ibihugu bicanamwo. Ikindi, barasavye ko bosengwa canke ko ibishushanyo cabure ibigereranyo bimwebimwe vyosengwa. Mugabo, Yehova ntiyigeze na rimwe areka ngo abasavyi biwe b’abizerwa bagwe mu “kīza” nk’ico. (Daniyeli 3:1, 2, 20-27; 6:7-10, 16-22) Uko tugize ikivukano mpuzamakungu kirangwa n’urukundo, Yehova ni we musa twibandako, tukaguma tutagira aho twegamiye mu vya politike mu buryo buhuye n’Ivyanditswe kandi tukemera icese ata kugira nkunzi, yuko “mu mahanga yose [uw]ubaha [Imana], agakora ivy’ukugororoka, i[m]wemera.” (Ivyakozwe 10:34, 35; Kuvayo 20:4-6; Yohana 13:34, 35; 17:16; 1 Petero 5:8, 9) Naho ducumukuzwa n’“amagume” mu guhamwa duhorwa ko turi Abakirisu, turafise umunezero kandi turatekaniwe mu vy’impwemu twibereye “mu bgigobeko bg’Īsumba vyose.”
7. Yehova adukingira gute ‘akoresheje amoya yiwe’?
7 Kubera yuko Yehova ari we buhungiro bwacu, turahumurizwa n’aya majambo agira iti: “Izokubundikira mu moya yayo, kand’uzohungira musi y’ivyubi vyayo; ukuri kwayo n’inkinzo n’[“igihome gikingira,” “NW”].” (Zaburi 91:4) Imana iradukingira, nka kurya nyene inyoni y’imvyeyi ihungiriza hejuru y’ivyana vyayo mu kubikingira. (Yesaya 31:5) ‘Iratubundikira mu moya yayo.’ Mu mvugo yagutse, bavuze “amoya” y’inyoni baba bashaka kuvuga amababa yayo. Inyoni irayakoresha mu gupfuka ivyana vyayo, ikabikingira ibikoko bibihiga. Nka kurya kw’ivyana bikiberagurwa, turatekaniwe twibereye munsi y’amoya y’ikigereranyo ya Yehova, kubera ko twahungiye mw’ishirahamwe nyakuri ryiwe rya gikirisu.—Rusi 2:12; Zaburi 5:1, 11.
8. “Ukuri” kwa Yehova, ni gute kumeze nk’inkinzo nini be n’igihome gikingira?
8 Turizigira “ukuri” canke ubwizerwe. Kumeze nk’inkinzo yagutse yakoreshwa mu bihe vya kera, kenshi ikaba imeze nk’umuryango kandi akaba ari nini bihagije ku buryo ishobora gupfuka umutumba w’umuntu wose uko ungana. (Zaburi 5:12) Kwizigira uburinzi nk’ubwo biratuma tutagira ubwoba. (Itanguriro 15:1; Zaburi 84:11) Cokimwe n’ukwizera kwacu, ukuri kw’Imana ni inkinzo nini idukingira, igahagarika imyampi irurumba ya Shetani ikongera ikazibira ngo umwansi wacu ntadukubite. (Abanyefeso 6:16) Ikindi, ni igihome gikingira, ni ukuvuga ikigunguzi gikomeye gikingira, tukaba duhagaze inyuma yaco dushikamye.
‘Ntituzotinya’
9. Ni kuki ijoro rishobora kuba igihe giteye ubwoba, mugabo ni kuki tudatinya?
9 Ku biraba uburinzi bw’Imana, umwanditsi wa Zaburi avuga ati: “Ntuzotinyishwa n’igiteye ubgoba mw ijoro, canke n’umwampi urashwe ku murango; canke n’ikīza kigendagendera mu mwiza, canke n’agatikizo kayogeza mu mashōka.” (Zaburi 91:5, 6) Kubera yuko ibikorwa bibi vyinshi abantu babikora bikinze agahumbezi, ijoro rirashobora kuba igihe giteye ubwoba. Hagati y’umwijima wo mu vy’impwemu utwikiriye isi muri iki gihe, abansi bacu kenshi bikora ku bikorwa vy’uruyeri barondera kutuyogeza mu vy’impwemu no guhagarika igikorwa cacu co kwamamaza. Mugabo, ntidutinyishwa n’igiteye ubwoba mw’ijoro’ kubera yuko Yehova aturinda.—Zaburi 64:1, 2; 121:4; Yesaya 60:2.
10. (a) “Umwampi urashwe ku murango” bisa n’uko ushaka kuvuga iki, kandi igihe urashwe tuvyifatamwo gute? (b) “Ikiza kigendagendera mu mwiza” kimeze gute, kandi ni kuki tutagitinya?
10 “Umwampi urashwe ku murango” bisa n’uko ushaka kuvuga igitero co mu majambo. (Zaburi 64:3-5; 94:20) Uko dukomera ku muheto mu gushikiriza amakuru y’ukuri, ukurwanya umurimo mweranda wacu mu buryo bweruye nk’ubwo biba ivy’ubusa. Vyongeye, ntidutinya “ikīza kigendagendera mu mwiza.” Ico ni ikiza c’ikigereranyo caduka mu mwiza w’iyi si irwaye mu vy’inyifato runtu no mu vy’idini, na yo ikaba iri mu bubasha bwa Shetani. (1 Yohana 5:19) Gituma imizirikanyi n’imitima y’abantu yuzura ibintu bikwega urupfu, kigasiga abantu mu mwiza ku biraba Yehova, imigambi yiwe, be n’indinganizo ziwe ziranga urukundo. (1 Timoteyo 6:4) Muri uwo mwijima, ntidutinya kubera yuko twinovora umuco mwinshi wo mu buryo bw’impwemu.—Zaburi 43:3.
11. Ni igiki gishikira ‘abayogezwa mu mashoka’?
11 “Agatikizo kayogeza mu mashōka” na ko nyene ntikaduca ivutu. “Amashōka” ashobora kuba ashaka kuvuga ivyitwa ukubonesha kw’isi. Abatwarwa n’ukuntu isi ibona ivy’amaronko barahona mu vy’impwemu. (1 Timoteyo 6:20, 21) Uko twamamaza ubutumwa bw’Ubwami dushize amanga, ntidutinya umwansi wacu n’umwe, kubera yuko Yehova ari we adukingira.—Zaburi 64:1; Imigani 3:25, 26.
12. Abantu ibihumbi n’ibihumbi bariko ‘bahindikiranira’ i ruhande ya bande, kandi mu buhe buryo?
12 Umwanditsi wa Zaburi arabandanya ati: “Abantu igihumbi bazohindikirana i ruhande yawe, n’ibihumbi cumi i buryo bgawe, ariko ntibizogushikako. Uzobirābisha amaso yawe gusa, ubone ingero y’abanyakibi.” (Zaburi 91:7, 8) Kubera yuko benshi bananiwe kugira Yehova ubuhungiro bwabo, ‘barahindikirana’ mu rupfu rwo mu buryo bw’impwemu “i ruhande ya[cu].” Kukaba nkako, “ibihumbi cumi” baraguye “i buryo” bw’Abisirayeli bo mu buryo bw’impwemu bo mu gihe ca none. (Ab’i Galatiya 6:16) Mugabo rero, twaba turi Abakirisu basizwe canke turi abo muri bagenzi babo biyeguye, turafise umutekano mu “bgigobeko” bw’Imana. ‘Tubirabisha amaso gusa tukabona ingero y’abanyakibi,’ abariko barimbura ingorane mu vy’ubucuruzi, mu vy’idini no mu zindi nzira.—Ab’i Galatiya 6:7.
‘Nta Kibi Kizogira Ico Kitugira’
13. Ni ibibi ibihe bitadushikira, kandi kuki?
13 Naho umutekano w’iyi si uriko uratituka, Imana ni yo dushira imbere maze tugakura uburindutsi mu majambo y’umwanditsi wa Zaburi agira ati: “Wagize Uhoraho ubuhungiro bgawe, Īsumba vyose wayigize uburuhukiro; nta kibi kizogira ico kikugira, kandi nta cago kizokwēgēra ihema ryawe.” (Zaburi 91:9, 10) Egome, Yehova ni we buhungiro bwacu. Ariko rero, Imana Isumba vyose turayigira kandi ‘uburuhukiro bwacu,’ ni ukuvuga ahantu turonkera itekane. Turashemeza Yehova we Segaba w’ibiriho vyose, ‘tukaruhukira’ muri we kubera ari we Soko ry’umutekano wacu, maze tukamamaza inkuru nziza y’Ubwami bwiwe. (Matayo 24:14) Ku bw’ivyo, ‘nta kibi kizogira ico kitugira,’ eka nta na kimwe mu bibi vyamaze kudondorwa muri iyi Zaburi. N’igihe nyene dushikiwe n’ibibi bishikira abandi nka vya nyamugigima, ibihuhusi, amasegenya, ibigoyi be n’intambara ziyogeza ibintu, ivyo ntibisangangura ukwizera kwacu canke umutekano wacu wo mu vy’impwemu.
14. Kubera turi abasavyi ba Yehova, ni kuki tutandukizwa n’ibiza bitikiza inganda?
14 Abakirisu basizwe bameze nk’inyambukira ziba mu mahema zitandukanije n’uru runkwekwe rw’ibintu. (1 Petero 2:11) ‘Nta n’icago cegera ihema ryabo.’ Icizigiro cacu caba ari ic’ijuru canke ic’isi, ntituri ab’isi, kandi ntitwandukizwa n’ibiza bitikiza inganda mu vy’impwemu nk’ubushegabo, uguhahamira amaronko, idini ry’ikinyoma be n’ugusenga ca “gikōko” hamwe n’“igishushanyo” caco, ari ryo Shirahamwe Mpuzamakungu.—Ivyahishuriwe 9:20, 21; 13:1-18; Yohana 17:16.
15. Abamarayika badufasha mu biki?
15 Ku biraba ukuntu dukingirwa, umwanditsi wa Zaburi yongerako ati: “[Yehova] azokuragiza abamarayika biwe, ngo bakuzigame mu nzira zawe zose. Bazokuramira mu maboko yabo, woye gutsitara kw ibuye.” (Zaburi 91:11, 12) Abamarayika barahawe ububasha bwo kudukingira. (2 Abami 6:17; Zaburi 34:7-9; 104:4; Matayo 26:53; Luka 1:19) Baraturinda ‘mu nzira zacu zose.’ (Matayo 18:10) Turayoborwa n’abamarayika bakongera bakaturinda kubera turi abamamaji b’Ubwami, gutyo ntidutsitara mu buryo bw’impwemu. (Ivyahishuriwe 14:6, 7) Mbere n’‘amabuye,’ nk’akarorero ukubuza igikorwa cacu, ntivyatumye dutsitara ngo dutakaze ugutoneshwa n’Imana.
16. Ibitero bigabwa n’“intambwe” be n’ibigabwa n’“imamba” bitandukaniye he, kandi igihe bibaye tuvyifatamwo gute?
16 Umwanditsi wa Zaburi arabandanya ati: “Uzokandagira intambge n’imamba, uzosiribanga umugunza w’intambge n’ikiyoka.” (Zaburi 91:13) Nka kurya nyene intambwe igaba igitero imbonankubone, bamwebamwe mu bansi bacu baragaragaza icese ko baturwanya mu gushingisha amategeko agenewe guhagarika igikorwa cacu co kwamamaza. Mugabo, turaterwa n’ibitero tutaba twiteze bimeze nk’ivy’imamba ikomora iturutse ahantu yihishije. Rimwe na rimwe abakuru b’amadini bihishije, baradutera biciye ku bashinga amategeko, ku bacamanza, no ku bandi. Mugabo, tubifashijwemwo na Yehova, turarondera gukurwako iceyi mu mahoro tubicishije mu masentare, gutyo tukaba turiko ‘turarwanira twongera dutsimbataza inkuru nziza hishimikijwe amategeko.’—Ab’i Filipi 1:7, NW; Zaburi 94:14, 20-22.
17. Dusiribanga gute “umugunza w’intambge”?
17 Umwanditsi wa Zaburi aravuga ivyerekeye gusiribanga “umugunza w’intambge n’ikiyoka.” Umugunza w’intambwe ushobora kuba ukaze cane, ikiyoka na co kikaba ari ikinyogomba amahero. (Yesaya 31:4) Ariko rero, naho ubukari bw’uwo mugunza w’intambwe bushobora kuba bungana iki igihe ugaba igitero imbonankubone, mu buryo bw’ikigereranyo turawusiribanga mu kugamburukira Imana aho kugamburukira abantu canke amashirahamwe bimeze nk’intambwe. (Ivyakozwe 5:29) Rero, iyo “ntambwe” igira iterabwoba, nta n’urwara iturya mu vy’impwemu.
18. “Ikiyoka” kitwibutsa nde, kandi dukeneye gukora iki mu gihe dutewe?
18 Mu mpinduro y’Ikigiriki yitwa La Septante, “ikiyoka” citwa “igisato.” Ivyo biratwibutsa neza na neza “ca gisato c’amahēro . . . ya nzoka ya mbere, yitwa Murwanizi, irindi [akaba ar]i Satani.” (Ivyahishuriwe 12:7-9; Itanguriro 3:15) Ameze nk’ikinyogomba c’ikidagaramudanda gishobora kujanjanga no kumiraza ico gifashe. (Yeremiya 51:34) Mu gihe Shetani agerageza kuduta mu mutego wiwe, kutujanjanga akoresheje imikazo y’iyi si kugira ngo ace atumiraza, nimuze tumwigobotore duce dusiribanga ico “kiyoka.” (1 Petero 5:8) Amasigarira y’abasizwe ivyo ategerezwa kubigira niba ashaka kugira uruhara mw’iranguka ry’Abaroma 16:20.
Yehova Ni We Soko ry’Ubukiriro Bwacu
19. Ni kuki duhungira kuri Yehova?
19 Ku biraba umwambaji nyakuri, umwanditsi wa Zaburi yerekana Imana iriko iravuga iti: “Kuko yankunze akaramata, ni co gituma nzomukiza: nzomushira hejuru, kuko yamenye izina ryanje.” (Zaburi 91:14) Imvugo ngo “nzomushira hejuru” ijambo ku rindi isobanura ngo nzomushira aho ata kimushikīra. Kubera turi abambaji ba Yehova, ni we duhungirako kubera canecane ‘twamukunze.’ (Mariko 12:29, 30; 1 Yohana 4:19) Imana na yo ica ‘idukiza’ abansi bacu. Ntituzokwigera na rimwe duherengetezwa kw’isi. Ahubwo, tuzorokoka kubera yuko tuzi izina ry’Imana kandi tukaryambaza dufise ukwizera. (Abaroma 10:11-13) Kandi twiyemeje ‘kugendera mw’izina rya Yehova ibihe bidahera.’—Mika 4:5; Yesaya 43:10-12.
20. Nk’uko muri Zaburi ya 91 hasozera habivuga, Yehova asezeranira iki umusavyi wiwe w’umwizerwa?
20 Nk’uko Zaburi ya 91 isozera ibivuga, ku biraba umusavyi wiwe w’umwizerwa Yehova avuga ati: “Azonyambaza, nanje ndamwitabe, nzobana na we mu marushwa, ndamukize mmuhe icubahiro. Nzomuhāza kuramba, kandi nzomwereka agakiza kanje.” (Zaburi 91:15, 16) Igihe twambaza Imana mw’isengesho mu buryo buhuje n’ivyo igomba, iratwishura. (1 Yohana 5:13-15) Turamaze guca mu marushwa menshi bivuye ku rwanko rukokezwa na Shetani. Mugabo amajambo ngo “nzobana na we mu marushwa,” aradutegura ku bw’ibigeragezo vyo muri kazoza akongera akadusubiriza umutima mu nda yuko Imana izodufata mu mugongo uru runkwekwe rubi nirwasangangurwa.
21. Abasizwe bamaze kuninahazwa gute?
21 Naho Shetani aturwanya mu buryo bukaze, abasizwe bari muri twebwe bose uko bangana bazoninahazwa mw’ijuru igihe Yehova yashinze nicagera—ni ukuvuga inyuma ya kwa ‘kurambira’ kw’isi. Yamara, ugukiza gutangaje Imana yagiye iragira kuramaze kuzanira abasizwe ubuninahazwa mu vy’impwemu. Kandi, ese ukuntu batewe iteka ryo kuba imboneza mu Vyabona vya Yehova kw’isi muri iyi misi y’iherezo! (Yesaya 43:10-12) Yehova azokiza bimwe bihambaye kuruta abasavyi biwe mu gihe ca ya ntambara ihambaye ya Harumagedoni, aho azokwemeza ubusegaba bwiwe akongera akaninahaza izina ryiwe ryeranda.—Zaburi 83:18; Ezekiyeli 38:23; Ivyahishuriwe 16:14, 16.
22. Ni bande ‘bazobona agakiza ka Yehova’?
22 Twaba turi Abakirisu basizwe canke turi bagenzi babo biyeguye, duhanga amaso Imana ngo idukize. Kuri wa “musi mukuru uteye ubgoba w’Uhoraho,” abakorera Imana batadohoka bazokizwa. (Yoweli 2:30-32) Abo muri twebwe bazoba bagize “ishengero ryinshi” ry’abarokotse bakinjira mw’isi nshasha y’Imana maze bakazoguma ari abizerwa muri kwa kugeragezwa kwa nyuma, ‘bazohazwa kuramba,’ ni ukuvuga ubuzima butagira iherezo. Azozura kandi amasinzi n’amasinzi y’abantu. (Ivyahishuriwe 7:9; 20:7-15) Kukaba nkako, Yehova azonezerezwa no ‘kutwereka agakiza kiwe’ biciye kuri Yezu Kirisitu. (Zaburi 3:8) Dufise ivyo vyizigiro vy’akaroruhore imbere yacu, nimuze tugume duhanze amaso Imana kugira idufashe guharura imisi yacu, maze abe ari yo ininahazwa. Nimuze tubandanye kugaragaza mu mvugo no mu ngiro yuko Yehova ari we buhungiro bwacu.
[Akajambo k’epfo]
a Abanditsi b’Ivyanditswe vy’Ikigiriki vya Gikirisu, ntibarimbuye Zaburi ya 91 bafatiye ku buhanuzi bwerekeye Mesiya. Mugabo ntiwumve, Yehova yari we buhungiro bwa wa muntu Yezu Kirisitu akaba n’igihome co kumukingira, nk’uko nyene muri iki “gihe c’iherezo” Yehova ari ubuhungiro n’igihome gikingira abayoboke ba Yezu basizwe be na bagenzi babo biyeguye ubafatiye hamwe.—Daniyeli 12:4.
Wokwishura Gute?
• “Ubgigobeko bg’Īsumba vyose” ni iki?
• Ni kuki tudatinya?
• Bizogenda gute ngo ‘ntihagire icago kidushikira’?
• Ni kuki dushobora kuvuga yuko Yehova ari we soko ry’ubukiriro bwacu?
[Ifoto ku rup. 15]
Woba uzi ukuntu ukuri kwa Yehova ari inkinzo nini kuri twebwe?
[Ifoto ku rup. 16]
Yehova arafasha abasavyi biwe kurangura ubusuku bwabo naho bahura n’ibitero bataba biteze be n’ukurwanywa kweruye
[Credit line]
Cobra: A. N. Jagannatha Rao, Trustee, Madras Snake Park Trust