Rya Tegeko ry’Agakura Ni Ngirakamaro
Naho abantu benshi babona ko Itegeko ry’Agakura ari inyigisho y’ivy’inyifato runtu yatanzwe na Yezu, we ubwiwe yavuze ati: “Izi nyigisho zanje s’izanje, n’iz’uwantumye.”—Yohana 7:16.
EMWE, ivyo Yezu yigishije, ushizemwo ivyahavuye vyitwa Itegeko ry’Agakura, vyakomotse kuri umwe yarungika Yezu, ni ukuvuga Umuremyi, Yehova Imana.
Mu ntango Imana yari ifise umugambi w’uko umuntu wese afata uwundi nk’uko na we yipfuza ko bamufata. Yaratanze akarorero ntangere mu kwerekana ko yitwararika ineza y’abandi, biciye ku buryo yaremye abantu: “Imana irema umuntu mw ishusho yayo, mw ishusho y’Imana ni ho yamuremye; irema abantu bar’uburyo bubiri.” (Itanguriro 1:27) Ivyo bisobanura yuko bivuye ku rukundo, Imana hari ukuntu yahaye abantu kuri kamere nyamukuru zayo kugira ngo bashobore kwinovora ubuzima bari mu mahoro, mu gahimbare kandi bumvikana, bigashobora no kuba ibihe bidahera. Ijwi ryabo ryo mu mutima Imana yabahaye, rimenyerejwe neza, ryotumye bafata abandi nk’uko nabo bashaka ko babafata.
Ubwikunzi Bwariganje
Ko abantu bari bagize mwene iyo ntango nziza igitangaza, ni ibiki vyaciye biba? Tubivuze mu buryo bworoshe, ubwikunzi bwaciye bwiserukiza. Abantu benshi barazi neza inkuru ya Bibiliya y’ico umugabo n’umugore ba mbere bakoze, nk’uko vyanditse mw’Itanguriro ikigabane ca 3. Adamu na Eva bahimirijwe na Shetani, umwe arwanya ingingo nziza zose z’Imana, barateye akagere ubutegetsi bw’Imana bahitamwo ukwigenga no kwikorera ivyo bishakiye. Ubwikunzi n’ubugarariji bwabo ntivyatumye gusa ubwabo batakaza ikintu gihambaye ariko kandi barakwegeye ingaruka z’agahomerabunwa uruvyaro rwabo rwose rwokurikiye. Ico cabaye ikintu gitomoye cerekana ingaruka zibabaje z’ukwirengagiza ya nyigisho yahavuye yitwa Itegeko ry’Agakura. Kubera ico, “icaha cazanywe mw isi n’umuntu umwe, urupfu rukazanwa n’icaha, ni k’urupfu rushika ku bantu bose, kuko bose bākoze ivyaha.”—Abaroma 5:12.
Naho abantu muri rusangi bateye umugongo inzira ziranga urukundo za Yehova Imana, ntiyabahevye. Nk’akarorero, Yehova yarahaye ihanga rya Isirayeli Ivyagezwe vyo kuriyobora. Vyabigisha gufata abandi nk’uko nabo bashaka ko babafata. Ivyagezwe vyaratanga ubuyobozi bw’ukuntu bofata abagurano, impfuvyi hamwe n’abapfakazi. Vyarabereka ukuntu ibiraba ibitero, inyuruzwa ry’abantu hamwe n’ubusuma vyategerezwa kwicarirwa. Amategeko y’ivy’intungamagara yarerekana ukuntu bokwitwararika amagara y’abandi. Hariho kandi n’amategeko ajanye n’ivy’ibitsina. Yehova yashikirije incamake y’Ivyagezwe vyiwe mu kubwira abantu ati: “Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda.” Ayo akaba ari amajambo Yezu yasubiyemwo mu nyuma. (Abalewi 19:18; Matayo 22:39, 40) Ivyo Vyagezwe vyaravuga kandi ukuntu bofata abanyamahanga bari mu Bisirayeli. Ivyo Vyagezwe vyavuga biti: “Ntimuze muhahaze umunyamahanga, kuko muzi umutima w’umunyamahanga, kuko namwe mwar’abanyamahanga mu gihugu ca Egiputa.” Mu yandi majambo, Abisirayeli bategerezwa kugaragariza abagowe umutima w’impuhwe.—Kuvayo 23:9; Abalewi 19:34; Gusubira mu Vyagezwe 10:19.
Mu gihe Isirayeli yakurikira idahemuka ivyo Vyagezwe, Yehova yarahezagiye iryo hanga. Mu gihe c’ingoma ya Dawidi na Salomo, iryo hanga ryarasagamvye maze abantu baranezerwa bumva bashize akanyota. Hari inkuru yo muri kahise itubwira iti: “Abayuda n’Abisirayeli bār’isinzi, bangana n’umusenyi wo mw isēsero ry’ikiyaga; kandi bārarya, bāranywa, bakanezerwa. Nukw Abayuda n’Abisirayeli bībēra amahoro, umuntu wese mu mizabibu yiwe no misukoni yiwe.”—1 Abami 4:20, 25.
Ikibabaje ni uko amahoro n’umutekano vy’iryo hanga bitamaze na kabiri. Naho bari bafise Ivyagezwe vy’Imana, Abisirayeli ntibavyitondeye; bararetse ubwikunzi burababuza kwitwararika abandi. Ivyo hamwe n’ubuhakanyi vyatumye amagume ashikira umuntu wese ukwiwe yongera aratera n’ihanga ryose hamwe. Amaherezo, mu mwaka w’607 B.G.C., Yehova yararetse Abanyababiloni barasangangura ubwami bw’Ubuyuda, igisagara c’i Yeruzalemu eka mbere n’urusengero rw’aho rw’akaroruhore. Bitumwe n’iki? “Ko [ba]tumviye amajambo yanje, nzotuma kugomora imiryango yose y’i burārūko, ni jewe Uhoraho mbivuze, kandi nzotuma no kuri Nebukadineza umwami w’i Babuloni, umusavyi wanje, mbazane ngo barwanye iki gihugu n’abakibamwo, barwanye n’aya mahanga yose agikikije; kandi nzobageseza rwose, mbahindure akajoreza, n’abo kuvuzwakw agahwa, n’iciro ry’imigani ibihe bidashira.” (Yeremiya 25:8, 9) Ese ukuntu ari ingaruka ikomeye iva ku guheba ugusenga Yehova gutyoroye!
Akarorero Dukwiye Kwigana
Ku rundi ruhande, Yezu Kirisitu ntiyigishije gusa rya Tegeko ry’Agakura ariko kandi yaratanze akarorero ntangere mu kurikurikiza. Yaritwararika vy’ukuri ineza y’abandi. (Matayo 9:36; 14:14; Luka 5:12, 13) Igihe kimwe, ari hafi y’igisagara c’i Nayini, Yezu yarabonye umupfakazi yavunitse umutima, ari kumwe n’abagiye guhamba umuhungu wiwe w’ikinege. Inkuru ya Bibiliya ivuga iti: “Umwami Yesu amubonye amutera akagongwe.” (Luka 7:11-15) Nk’uko inyizamvugo imwe (Vine’s Expository Dictionary of Old and New Testament Words) ibivuga, imvugo ngo “amutera akagongwe” isobanura “kuvyurirwa gukora ikintu bivuye ku mutima.” Yaramufashije umubabaro, maze bimuvyurira umutima wo kumugirira iciza mu kumukurako umubabaro afise. Ese ukuntu bitegerezwa kuba vyarateye umunezero uwo mupfakazi igihe Yezu yazura uwo muhungu maze “a[ka]muha nyina”!
Amaherezo, mu buryo buhuje n’umugambi w’Imana, Yezu yaremeye aracumukura yongera aratanga ubuzima bwiwe kw’incungu kugira ngo umuryango w’abantu ushobore gukurwa mu buja bw’icaha n’urupfu. Ako kari akarorero gahebuje ko kubaho yisunga rya Tegeko ry’Agakura.—Matayo 20:28; Yohana 15:13; Abaheburayo 4:15.
Abantu Bakurikiza rya Tegeko ry’Agakura
Muri iki gihe cacu, hoba hariho abantu babaho vy’ukuri bisunga rya Tegeko ry’Agakura? Egome, kandi ntibabigira mu gihe gusa biborohereza. Nk’akarorero, mu gihe c’Intambara ya Kabiri y’Isi Yose mu Budagi bw’Abanazi, Ivyabona vya Yehova barazigamye ukwizera Imana be n’urukundo bakunda bagenzi babo gutyo baranka kudohoka kuri rya Tegeko ry’Agakura. Naho Leta yagize isekeza ryo guhimiriza ivy’ukwanka no kunena Abayahudi bose, Ivyabona babandanije gukurikiza rya Tegeko ry’Agakura. Mbere no mu makambi y’itunatuniro, bagumye bitwararika abandi bantu nka bo, bagasangira udufungurwa twabo naho twari dukeyi n’Abayahudi be n’abatari bo bishwe n’inzara. Vyongeye, naho Leta yabategeka gufata ibirwanisho kugira ngo bice abandi, baranka kubigira, nk’uko na bonyene batashaka ko abandi babica. Bari gushobora gute kwica abo bategerezwa gukunda nk’uko bikunda? Kubera banse, benshi muri bo ntibarungitswe mu makambi y’itunatuniro gusa ahubwo barishwe.—Matayo 5:43-48.
Uko usoma iki kiganiro, uriko urungukira ku kandi karorero k’ukuntu rya Tegeko ry’Agakura rikora. Ivyabona vya Yehova baratahura yuko muri iki gihe abantu benshi bacumukura usanga bihebuye kandi batagira gitabara. Kubera ivyo, Ivyabona baragira ico bakoze ciza babikunze kugira ngo bafashe abandi kumenya ivyerekeye icizigiro dusanga muri Bibiliya be n’ubuyobozi ngirakimazi buri muri yo. Ivyo ni umuce w’igikorwa co kwigisha kiriko kirangurwa kw’isi ku rugero rutari bwigere rushikwako. Bivamwo iki? Nk’uko vyari vyarabuwe muri Yesaya 2:2-4, ‘abantu benshi,’ kukaba nkako abantu barenga imiliyoni zitandatu hirya no hino kw’isi, ‘barigishijwe ivy’inzira za Yehova no kuzigenderamwo.’ Mu buryo bw’ikigereranyo, barize ‘kuvunja inkota zabo mu masuka, n’amacumu bayavunjamwo inkero.’ Bararonse amahoro n’umutekano muri ibi bihe bigoye.
Weho Bite?
Nuzirikane gatoyi ku kuntu ugufata minenegwe rya Tegeko ry’Agakura vyateje umubabaro be n’ugucumukura umuryango w’abantu kuva habaye bwa bugarariji muri Edeni bwatewe na Shetani. Yehova afise umugambi wo guhindura ibintu vuba. Gute? “Icatumye Umwana w’Imana ahishurwa ngiki: n’ukugira ngw asangangure ibikorwa vy’Umurwanizi.” (1 Yohana 3:8) Ivyo bizoba mu gihe c’ingoma y’Ubwami bw’Imana, mu maboko ya Yezu Kirisitu afise ubukerebutsi kandi abishoboye, umwe yigisha rya Tegeko ry’Agakura akongera akabaho aryisunga.—Zaburi 37:9-11; Daniyeli 2:44.
Umwami Dawidi wo muri Isirayeli ya kera yavuze ati: “Uhereye nkiri muto, none ndashāje, ariko sinigeze kubona umugororotsi yahebge, cank’uruvyaro rwiwe rusēgerereza ivyo kurya. Agira ubuntu umusi ukīra, akagurāna abandi; uruvyaro rwiwe rukagira umugisha.” (Zaburi 37:25, 26) Ntiwokwemera ko abantu benshi muri iki gihe bariko barikumirako aho ‘kugira ubuntu no kugurana abandi’? Biragaragara ko gukurikiza rya Tegeko ry’Agakura bishobora gutuma umuntu agira amahoro n’umutekano nyakuri kubera bituma aba mu baronka imihezagiro ubu no muri kazoza mu Bwami bw’Imana. Ubwami bw’Imana buzokura kw’isi amakanda yose y’ubwikunzi n’ububisha maze uru runkwekwe rw’ubutegetsi abantu bishiriyeho bwononekaye rusubirirwe n’isi nshasha Imana izoshiraho. Ico gihe, abantu bose bazonezerwa kubera bazobaho bisunga rya Tegeko ry’Agakura.—Zaburi 29:11; 2 Petero 3:13.
[Amafoto ku rup. 5]
Yezu ntiyigishije gusa rya Tegeko ry’Agakura ariko kandi yaratanze akarorero ntangere mu kurikurikiza
[Amafoto ku rup. 7]
Gukurikiza rya Tegeko ry’Agakura birashobora gutuma umuntu agira amahoro n’umutekano nyakuri