ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 15/10 rup. 8-13
  • “Nimurwanye Shetani”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Nimurwanye Shetani”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Imitego Shetani Yateze Abakirisu bo mu Ntango
  • Imitego Shetani Akoresha Muri Iki Gihe
  • Yezu Yararwanije Shetani
  • Turafise Ibikwiye Vyose Kugira Turwanye Shetani
  • “Murwanye wa Mubesheranyi” nk’uko Yezu yabigize
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Murwanye Shetani, na we azohunga!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Umwansi w’Ubuzima Budashira
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Turakeneye kunanira ibitwosha nabi
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 15/10 rup. 8-13

“Nimurwanye Shetani”

“Nimurwanye Shetani, na yo izobahunga.”​—YAKOBO 4:7, UB.

1. Dushobora kudondora gute isi ya kino gihe, kandi ni kubera iki abasavyi b’Imana basizwe be na bagenzi babo bakeneye kuba maso?

“IMANA yarazimanganye, ariko Shetani agumaho.” Ayo majambo yavuzwe n’umwanditsi w’Umufaransa yitwa André Malraux arashobora neza na neza kuvugwa kuri ino si tubayemwo. Ibikorwa abantu bakora mu vy’ukuri bisa n’uko bigaragaza imitego y’urwenge ya Shetani kuruta ukugaragaza ivyo Imana igomba. Shetani ariko arazimiza abantu akoresheje “ubushobozi bgose n’ibimenyetso n’ibitangaza vy’ibinyoma, n’ubugunge bgose bgo kugabitanya ku bahona.” (2 Ab’i Tesalonike 2:9, 10) Ariko rero, muri iyi “misi y’iherezo,” Shetani utwigoro twiwe ariko aturabisha canecane ku basavyi b’Imana biyeguye, mu guteza intambara Abakirisu basizwe, “bitondera ivyagezwe n’Imana kandi bafise ibishingira Yesu intahe.” (2 Timoteyo 3:1; Ivyahishuriwe 12:9, 17) Abo basavyi b’Imana basizwe be na bagenzi babo bafise icizigiro co kuba kw’isi barakeneye kuba maso.

2. Shetani yahenze Eva gute, kandi ni ubwoba ubuhe intumwa Paulo yaseruye?

2 Shetani ni umubeshi katwa. Akoresheje inzoka mu kwihisha, yarahenze Eva mu gutuma yiyumvira yuko yari gushobora kurushiriza kugira agahimbare akoze ibintu atisunze Imana. (Itanguriro 3:1-6) Haciye nk’imyaka ibihumbi bine, intumwa Paulo yaraseruye ubwoba afise bw’uko Abakirisu basizwe b’i Korinto bohavuye bagwa mu ruyeri rwa Shetani. Paulo yanditse ati: “Ndiyubara yuko, nk’uko ya nzoka yahendesheje Eva ukwiyorobeka kwayo, kumbure ivyiyumviro vyanyu vyokwoshwa, mugaca mureka ukugororoka n’ukwera mu vya Kristo.” (2 Ab’i Korinto 11:3) Shetani aronona imizirikanyi y’abantu akongera akagoreka ukwiyumvira kwabo. Nk’uko yahenze Eva, arashobora gutuma Abakirisu biyumvira mu buryo butari bwo kandi agatuma bibaza yuko ubuhirwe bwabo buhagaze ku kintu Yehova be n’Umwana wiwe banka.

3. Ni ugukingirwa Shetani ukuhe Yehova ashiraho?

3 Shetani ashobora kugereranywa n’umutezi w’inyoni atega imitego kugira ngo acakire abantu ata co bicura. Kugira ngo twirinde imitego ya Shetani, turakeneye ‘kuba mu bwigobeko bw’Isumba vyose,’ ni ukuvuga mu kibanza c’ikigereranyo c’uburinzi Yehova ategurira abemera icese ukuba ari we segaba w’ivyaremwe vyose, mu vyo bakora. (Zaburi 91:1-3) Turakeneye uburinzi bwose Imana itanga biciye kw’Ijambo ryayo, ku mpwemu yayo no kw’ishirahamwe ryayo kugira ngo “[d]ushobore kurwanya imitego ya Shetani.” (Abanyaefezi 6:11, UB) Ijambo ry’Ikigiriki ryahinduwe ngo “imitego” rishobora kandi guhindurwa ngo “ibikorwa vy’uruyeri.” Nta gukeka ko Shetani akoresha ibikorwa vyinshi vy’uruyeri mu twigoro agira kugira ngo atege abasavyi ba Yehova.

Imitego Shetani Yateze Abakirisu bo mu Ntango

4. Abakirisu bo mu ntango baba mw’isi imeze gute?

4 Abakirisu babayeho mu kinjana ca mbere n’ica kabiri G.C., babaho mu gihe Inganji ya Roma ari yo yari hejuru mu vy’ubutegetsi. Ya Pax Romana (ni ukuvuga Amahoro ya Roma) yatumye ubudandaji bushobora gusagamba. Ukwo gusagamba kwatumye haba ibihe vy’ukwidagadura ku mugwi w’abantu bategeka, kandi abategetsi baciye baronsa abanyagihugu ibintu vyo kwisamaza vyinshi kugira ntibagararize. Mu biringo bimwebimwe, imisi mikuru y’igihugu yari myinshi nk’uko imisi y’akazi yangana. Abategetsi barakoresha ibigega vya Leta kugira ngo baronse abanyagihugu imfungurwa be n’ibikino barorera, bigatuma baguma bafungura neza n’imizirikanyi yabo igasamara.

5, 6. (a) Ni kubera iki bitari bibereye ko Abakirisu bama baja mu mazu yagirirwamwo ibikino i Roma? (b) Ni umutego uwuhe Shetani yakoresha, kandi Abakirisu bari gushobora kuwirinda gute?

5 Ivyo bintu vyoba vyari ingeramizi ku Bakirisu bo mu ntango? Dufatiye ku mburizi zanditswe n’abanditsi bo mu ntango babayeho inyuma y’intumwa, nka Terituliyano, vyinshi mu bikorwa vyo kwidagadura vyo muri ico gihe vyari vyuzuyemwo ingeramizi zo mu vy’impwemu no mu vy’ukwigenza runtu ku Bakirisu b’ukuri. Kimwe coco ni uko myinshi mu misi mikuru y’igihugu be n’inkino z’igihugu vyagirwa ku bw’ugutera iteka imana z’abapagani. (2 Ab’i Korinto 6:14-18) Muri ivyo bibanza vyaberamwo ibikino, mbere n’inkino za kera zagirwa zaba zirimwo ubushegabo bw’agaterasoni canke ubukazi bwuzuyemwo ugusesa amaraso. Uko igihe cagiye kirarengana, akayabagu abanyagihugu bari bafitiye ibintu vya kera karagabanutse, maze ivyo bintu vya kera bisubirirwa n’ivyo kwinezereza vyagirwa mu gutamba intambo ziteye isoni. Mu gitabu ciwe (Daily Life in Ancient Rome), umutohozakahise Jérôme Carcopino avuga ati: “Muri ivyo bikino abakinyi b’abagore bari barekuriwe kwikurako agashambara bagasigara uko bakavutse . . . Haraseswa amaraso atagira uko angana. . . . [Uwigana ivyabaye akoresheje ibimenyetso vy’umubiri] yarikora ku bintu vyose bibaho vy’ubushegabo bishisha vyari vyaratwaye abantu benshi bo ku murwa mukuru. Ntibasesemwa na mwene ivyo bintu biteye isoni vyerekanwa, kubera ko hari haheze igihe kirekire inyiyumvo zabo be n’inyifato yabo vyarononywe n’ibikorwa vy’ubukazi be n’ivy’ugusesa amaraso biteye ubwoba vyabera mu nyubakwa igirirwamwo ibikino.”​—Matayo 5:27, 28.

6 Mu nyubakwa zigirirwamwo ibikino, abarwana barakubitana gushika ku gupfa, canke bakarwana n’inyamaswa bakazica canke zikabica. Inkozi z’ikibi zaba zaciriwe urubanza rwo gupfa zaratererwa mu nyamaswa z’inkazi, Abakirisu benshi na bo nyene bakaba bahavuye babagirira gutyo. Mbere no muri ivyo bihe vyo mu ntango, umutego wa Shetani wari uwo gutuma abantu badasesemwa n’ubushegabo be n’ubukazi, gushika aho ivyo bintu vyacitse ibisanzwe kandi abanyagihugu bakavyirukira. Uburyo bumwe gusa bwo kwirinda uwo mutego kwari ukwirinda kuja muri ayo mazu yaberamwo ibikino.​—1 Ab’i Korinto 15:32, 33.

7, 8. (a) Ni kubera iki Umukirisu atari kuba abaye inkerebutsi agiye mu mahiganwa yo ku mikogote? (b) Shetani yashoboye gute gukoresha inzu z’ubwogero z’Abaroma kugira ngo atege Abakirisu?

7 Amahiganwa yo ku mikogote yagirirwa mu bibuga vy’inkino nta gukeka ko yashwangamura, mugabo ntivyari vyemewe ku Bakirisu kubera akenshi amasinzi y’abantu yaca aja mu vy’ubukazi. Umwanditsi umwe wo mu kinjana ca gatatu yavuze yuko bamwebamwe mu barorerezi barwana hagati yabo, Carcopino na we avuga yuko “abaragurisha inyenyeri be n’abamaraya bari bafise ikibanza cabo bakoreramwo,” ico na co kikaba cari munsi y’imiheto y’inyubakwa bagiriramwo ibikino. Biratomoye yuko ivyo bibanza vy’ugusiganirwamwo bitari bibereye ku Bakirisu.​—1 Ab’i Korinto 6:9, 10.

8 Bite ho ku vyerekeye inzu z’ubwogero za rurangiranwa z’Abaroma? Mu vy’ukuri, nta kibi cari kirimwo kwiyuhagira kugira ngo umuntu agume asukuye. Mugabo nyinshi mu nzu z’ubwogero z’Abaroma zari inzu nininini zarimwo ivyumba vyo gukandakandiramwo imitsi, ivyumba vyo kugiriramwo imyimenyerezo yo kwinonora imitsi, ivyumba vyo gukiniramwo akamari be n’ivyo kuriramwo no kunyweramwo. Naho vyavugwa ko bamwe bose mu b’igitsina-gabo n’ab’igitsina-gore bari bafise umwanya wabo wo gukoresha izo nzu z’ubwogero, akenshi barareka abagabo n’abagore bakogana. Kelementi w’i Alegizandiriya yanditse ati: “Inzu z’ubwogero zugururirwa abagabo n’abagore ata gucagura; kandi ngaho bariyambura impuzu bagasigara amenya ata co binona.” Gutyo, Shetani yarashobora gukoresha bitagoranye ikintu cashizweho mu buryo bwemewe n’amategeko bwa mutego ku Bakirisu. Abantu b’inkerebutsi baririnda kuja muri ivyo bibanza.

9. Ni imitego iyihe Abakirisu bo mu ntango bategerezwa kwirinda?

9 Ugutera akamari cari ikintu co kwimara ubute cakundwa mu bantu igihe Inganji ya Roma ari yo yari hejuru mu vy’ubutegetsi. Abakirisu bo mu ntango barashobora kwirinda ivyo gupfindana vyabera ahagirirwa amahiganwa yo ku mikogote mu kutaja aho hantu. Ugutera akamari kudakomeye cane kwaragirirwa kandi mu buryo butemewe n’amategeko mu vyumba vyihishije vyo mu mahoteri no mu bunywero. Abakinyi barapfindanira ku gitigiri c’utubuye twiburungushuye canke c’utugufa uwundi mukinyi yaba apfumbatiye mu kiganza, ko coba canke kitoba kigaburika na kabiri. Ugutera akamari vyaratuma ubuzima bw’abantu buryoha, kubera yuko vyabaha icizigiro co kuronka amahera batarushe. (Abanyefeso 5:5) Ikigeretseko, abagore batanga ibinyobwa muri mwene ubwo bunywero akenshi wasanga ari abamaraya, bigatuma harushiriza kuba akaga ko kugwa mu bushegabo. Iyo yari imwimwe mu mitego Shetani yatega Abakirisu baba mu bisagara vyo mu Nganji ya Roma. Ivyo vyoba bitandukanye cane n’ibiba muri iki gihe?

Imitego Shetani Akoresha Muri Iki Gihe

10. Ibintu bihari muri iki gihe bihuye gute n’ivyari vyiraye mu Nganji ya Roma?

10 Muri rusangi, naho haciye ibinjana n’ibindi, imitego ya Shetani ntiyahindutse. Kugira ngo Abakirisu baba mu gisagara cononekaye c’i Korinto “Satani ntaronke ic’a[ba]tsindisha,” intumwa Paulo yarabahaye impanuro ikomeye. Yavuze ati: “[Ntitu]yobewe imigabo [ya Shetani].” (2 Ab’i Korinto 2:11) Mu bihugu vyinshi biteye imbere, uko ibintu vyifashe muri iki gihe bisa n’ivyari vyiraye mu Nganji ya Roma igihe yari hejuru mu vy’ubutegetsi. Abantu benshi barafise umwanya munini wo kwidagadura kurusha ikindi gihe cose. Amaloteri ya Leta araha mbere abakene ikizigizigi. Hariho ibintu vyinshi vyo kwinezereza bitazimvye abantu bashirako imizirikanyi. Ibibuga vy’inkino usanga vyuzuye abantu, abantu bagatera akamari, amasinzi y’abantu rimwe na rimwe akagira ivy’ubukazi, n’abakinyi mbere akenshi bakabigira. Imiziki yononekaye ni yo abantu bakunda kwumviriza be n’ibintu vy’agaterasoni vyerekanwa ahagirirwa ibikino be no mu masenema no kuri televiziyo. Mu bihugu bimwebimwe, abantu barakunda kuja mu bibanza bita sona vy’ukwibirizamwo ivyuya be no mu mazi y’ibishuha (ibishuhira), bakajayo bavanganye ari abagabo n’abagore, tudasize inyuma ivy’ukwiyoga abantu bari amenya ku nkengera z’ibiyaga bimwebimwe. Nk’uko vyari biri mu binjana vyo mu ntango y’Ubukirisu, Shetani agerageza gukwegakwega abasavyi b’Imana akoresheje ibikorwa vyo kwidagadura vyo muri iyi si.

11. Ni imitego iyihe iri mu vyo kwipfuza kuruhuka no gusama akayaga?

11 Mw’isi aho umwitwarariko ugwiriye, ni ibisanzwe kwumva ko ukeneye gusama akayaga canke kuja mu vyo kwiruhura. Ariko rero, nk’uko inzu z’ubwogero z’Abaroma zarimwo ibintu mu vy’ukuri vyari ingeramizi ku Bakirisu bo mu ntango, ni ko n’inyubakwa zimwezimwe zo kuruhukiramwo be n’aho abaruhutse bisamariza vyagaragaye ko ari umutego Shetani yakoresheje kugira ngo ashikane Abakirisu bo mu gihe ca none ku bushegabo no ku kaborerwe. Paulo yandikiye Abakirisu b’i Korinto ati: “Ntimuzimire: kubana n’ababi kwonona ingeso nziza. Mushire ibirāre, mugororoke, ntimukore ivyaha: kuko bamwe batazi Imana.”​—1 Ab’i Korinto 15:33, 34.

12. Ni amayeri amwamwe ayahe Shetani akoresha kugira ngo acakire abasavyi ba Yehova muri iki gihe?

12 Twabonye mu bijanye na Eva ukuntu Shetani yakoresheje urwenge kugira ngo yonone ivyiyumviro vyiwe. (2 Ab’i Korinto 11:3) Muri iki gihe, umwe mu mitego ya Shetani ni ugushikana Abakirisu ku kwiyumvira yuko baramutse bafashe inzira z’isi bimwe bihagije kugira berekane yuko Ivyabona vya Yehova bameze nk’abandi bantu, ngo bazokwererwa mu gukwegera bamwebamwe ku kuri kwa gikirisu. Rimwe na rimwe, barashika mbere kure cane mu kuba nk’abatizera, maze ugasanga bacitse abatizera. (Hagayi 2:12-14) Ayandi mayeri Shetani akoresha ni ugutuma Abakirisu biyeguye, baba abakiri bato canke abakuze bagira ubuzima burimwo tubiri maze ‘bakababaza impwemu yera y’Imana.’ (Abanyefeso 4:30) Bamwebamwe baraguye muri uwo mutego biciye ku gukoresha nabi bwa buhinga bwa Internet.

13. Ni umutego uwuhe utaboneka uri muri kimwe mu bikorwa vy’uruyeri vya Shetani, kandi ni impanuro iyihe ibereye hano iri mu Migani?

13 Uwundi mutego mu mitego Shetani akoresha ni uguhisha ikibi kiri mu bupfumu. Nta Mukirisu w’ukuri yokwisuka na gatoyi mu gusenga Shetani canke mu vy’ubupfumu n’ibigira nkana. Yamara, bamwebamwe, batanabizi ntibaba maso igihe baraba amasenema, ibiganiro vyo kuri televiziyo, ibikino vyo mu mavidewo eka mbere n’ibitabu be n’udukuru dutwenza tw’abana vyerekana ubukazi canke ibikorwa bisiga ubwenge. Ikintu cose gifitaniye isano n’ubupfumu umuntu ategerezwa kugica kure. Umugani uranga ubukerebutsi uvuga uti: “Amahwa n’imitego biri mu nzira y’ikigoryi, arik’ūrinda ubugingo bgiwe azobica kure.” (Imigani 22:5) Kubera yuko Shetani ari “imana y’iki gihe,” ikintu ico ari co cose gikundwa n’abantu benshi kirashobora kuba gihishije umwe mu mitego yiwe.​—2 Ab’i Korinto 4:4; 1 Yohana 2:15, 16.

Yezu Yararwanije Shetani

14. Yezu yananiye gute ikigeragezo ca mbere ca Shetani?

14 Yezu yaratanze akarorero keza k’ukurwanya Shetani no gutuma ahunga. Yezu amaze kubatizwa no kwisonzesha imisi 40, Shetani yaramugerageje. (Matayo 4:1-11) Ikigeragezo ca mbere cari gifatiye ku nzara isanzwe Yezu yumvise amaze kwisonzesha. Shetani yasavye Yezu gukora igitangaro ciwe ca mbere kugira yironse ivyo umubiri wari ukeneye. Yezu yarasubiyemwo amajambo yo mu Gusubira mu Vyagezwe 8:3, aranka gukoresha ububasha yari afise ku bw’inyungu yiwe bwite, maze imfungurwa z’ivy’impwemu azirutisha imfungurwa z’umubiri.

15. (a) Ni icipfuzo gisanzwe ikihe Shetani yikozeko kugira ngo agerageze Yezu? (b) Kimwe mu bikorwa vy’uruyeri nyamukuru Shetani akoresha mu kurwanya abasavyi b’Imana muri iki gihe ni ikihe, mugabo dushobora kumurwanya gute?

15 Iciyumviro gishimishije ku vyerekeye ico kigeragezo ni uko Shetani atarondeye gutuma Yezu akora icaha c’ubusambanyi. Inzara, iyituma mu bisanzwe umuntu arondera ibifungurwa, vyasa n’uko cari co cipfuzo c’umubiri gikomeye kuruta ibindi vyose yari gukoresha mu kugerageza Yezu ako kanya. Ni inyosha mbi izihe Shetani akoresha kugira ngo akwegakwege abasavyi b’Imana muri iki gihe? Ni nyinshi kandi ziratandukanye, mugabo ariko arakoresha inyosha mbi z’ubusambanyi bwa bikorwa vy’uruyeri nyamukuru mu kigoro agira ko gusenyura ukutadohoka kw’abasavyi ba Yehova. Biciye ku kwigana Yezu, turashobora kurwanya Shetani kandi tukananira inyosha mbi ziwe. Nk’uko Yezu yatsinze utwigoro Shetani yagize two kumujijura mu kwibuka ivyanditswe bibereye, igihe twohejwe ngo twisuke mu bushegabo turashobora kwibuka ivyanditswe nk’Itanguriro 39:9 be na 1 Ab’i Korinto 6:18.

16. (a) Shetani yagerageje Yezu gute ubugira kabiri? (b) Ni mu buryo ubuhe Shetani ashobora kugerageza kutwosha ngo tugerageze Yehova?

16 Ubukurikira, Shetani yasavye Yezu kwikororera hasi avuye hejuru ku gihome c’urusengero kugira maze agerageze ubushobozi bw’Imana bwo kumukingira akoresheje abamarayika bayo. Yezu yarasubiyemwo amajambo yo mu Gusubira mu Vyagezwe 6:16, aranka kugerageza Se. Shetani ashobora kutatwosha ngo dusimbire hasi tuvuye ku gasongero k’urusengero, mugabo arashobora kutwosha ngo tugerageze Yehova. Twoba twoshwa kuraba urugero twoshikanako mu kugenda twigana imideri y’isi mu buryo twambara no mu buryo twitunganya, ata guhabwa impanuro? Twoba twoshwa kuja mu vy’ukwinezereza birimwo amahinyu? Ico gihe twoba turiko turagerageza Yehova. Nimba dufise impengamiro nk’izo, Shetani aho kuduhunga, ashobora kutwizingitirako, akaguma agerageza ubudahengeshanya kudukwegera ku ruhande rwiwe.

17. (a) Shetani yagerageje Yezu gute ubugira gatatu? (b) Muri Yakobo 4:7 hashobora gute kurangukira no kuri twebwe?

17 Igihe Shetani yemerera guha Yezu ubwami bwose bwo kw’isi aramutse amusenze rimwe ryonyene, Yezu yarasubiye kumurwanya mu gusubiramwo Ivyanditswe, afata impagararo ishikamye yo gusenga Se gusa. (Gusubira mu Vyagezwe 5:9; 6:13; 10:20) Shetani ashobora kutatwemerera kuduha ubwami bw’isi, mugabo yama atugerageza akoresheje ibintu bisayangana vy’umubiri, mbere agatuma tugira icizigiro c’uko tworonka agace gatoyi twiganzira. Twoba twishura nk’uko Yezu yishuye, tugasenga Yehova wenyene gusa? Nimba ari ukwo tubigira, ivyashikiye Yezu ni vyo bizodushikira na twebwe. Inkuru ya Matayo ivuga iti: ‘Shetani rero iramureka.’ (Matayo 4:11, UB) Shetani azotuvako turamutse dufashe impagararo ishikamye yo kumurwanya mu kwibuka ingingo ngenderwako za Bibiliya zibereye maze tukazishira mu ngiro. Umwigishwa Yakobo yanditse ati: “Nimurwanye Shetani, na yo izobahunga.” (Yakobo 4:7, UB) Hari Umukirisu yandikiye ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova mu Bufaransa ati: “Shetani mu vy’ukuri ari n’urwenge. Naho mba mfise imigabo myiza, nsanga bigoye cane gucungera inyiyumvo zanje n’ivyipfuzo vyanje. Naho ari ukwo, ndabigiranye uburindutsi, ukwihangana, na canecane ngafashwa na Yehova, narashoboye kuguma ndi intadohoka ndashobora no kwumira ku kuri.”

Turafise Ibikwiye Vyose Kugira Turwanye Shetani

18. Ni ibirwanishwa ibihe vyo mu vy’impwemu bituma tuba abafise ibikwiye kugira ngo turwanye Shetani?

18 Yehova yaraturonkeje umwambaro ukwiye w’ibirwanisho vyo mu vy’impwemu bidushoboza “kurwanya imitego ya Shetani.” (Abanyaefezi 6:11-18, UB) Urukundo dukunda ukuri ruzotubika amafyinga yacu, canke rudutegure ku bw’igikorwa ca gikirisu. Umwiyemezo wacu wo kwumira ku ngingo mfatirwako z’ivy’ukuguroroka za Yehova uzomera nk’icuma co mu gikiriza gikingira umutima wacu. Nimba ibirenge vyacu vyambaye inkuru nziza, bizokwama bidutwara mu gikorwa co kwamamaza, maze ivyo bikazodukomeza vyongere bidukingire mu buryo bw’impwemu. Ukwizera kwacu gukomeye kuzomera nk’inkinzo yagutse, idukingira “imyampi ya wa Mubi yose yaka umuriro,” ni ukuvuga ibitero vyiwe n’inyosha mbi ziwe vy’uruyeri. Ukwizigira tudakeka yuko imihango ya Yehova izoranguka kuzomera nk’inkofero ikingira ubushobozi bwacu bwo kwiyumvira, biheze bituronse amahoro yo mu muzirikanyi. (Ab’i Filipi 4:7) Nitwaba abahanga mu gushikiriza Ijambo ry’Imana, rizomera nk’inkota dushobora gukoresha kugira ngo dukure abantu mu migozi y’ivy’impwemu Shetani yababohesheje. Turashobora kandi kurikoresha kugira twirwanirire, nk’uko nyene Yezu yabigize igihe yageragezwa.

19. Kiretse ‘kurwanya Shetani,’ ni igiki gikenewe?

19 Mu kuguma twambaye ivyo ‘birwanisho vyose vy’Imana’ no mu gushishikara gusenga, turashobora kwizigira ko Yehova azodukingira Shetani niyadutera. (Yohana 17:15; 1 Ab’i Korinto 10:13) Mugabo Yakobo yarerekanye yuko bidahagije ‘kurwanya Shetani.’ Dutegerezwa kandi, mbere kuruta ibindi vyose ‘kugamburukira Imana’ yo itubabara. (Yakobo 4:7, 8) Ingene ivyo dushobora kubigira birarimburwa mu kiganiro gikurikira.

Wokwishura Gute?

• Ni imitego iyihe ya Shetani Abakirisu bo mu ntango bategerezwa kwirinda?

• Ni ibikorwa ibihe vy’uruyeri Shetani akoresha muri iki gihe kugira ngo agerageze gucakira abasavyi ba Yehova?

• Yezu yarwanije gute ibigeragezo vya Shetani?

• Ni ibirwanishwa vy’impwemu ibihe bidushoboza kurwanya Shetani?

[Ifoto ku rup. 8, 9]

Yezu yararwanije Shetani ashikamye

[Amafoto ku rup. 10]

Abakirisu bo mu kinjana ca mbere baramiriye kure ivyo kwinezereza birimwo ubukazi n’ubushegabo

[Abo dukesha ifoto]

The Complete Encyclopedia of Illustration/J. G. Heck

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika