ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 1/1 rup. 8-17
  • Tugume Turi Maso Ubu Kuruta Ikindi Gihe Ico Ari Co Cose!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Tugume Turi Maso Ubu Kuruta Ikindi Gihe Ico Ari Co Cose!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Iherezo ry’Urunkwekwe rw’Ibintu rw’Abayuda
  • Imburizi Ihuje n’Igihe Yatanzwe n’Intumwa
  • Abantu Amamiliyoni Baguma Bagavye
  • Icigwa Dukura Kuri Loti
  • “Mwame Mugavye”!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Gumiza Umusi wa Yehova Hafi mu Muzirikanyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Hahiriwe Abaguma Bari Maso!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • ‘Umusi uhambaye wa Yehova uri hafi’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 1/1 rup. 8-17

Tugume Turi Maso Ubu Kuruta Ikindi Gihe Ico Ari Co Cose!

“Ntidusinzire nka ba bandi, ariko twame tugavye, [tugume turikanuye].” ​— 1 Ab’i Tesalonike 5:6.

1, 2. (a) Pompéi na Herculanum vyari ibisagara bimeze gute? (b) Ni imburizi iyihe abantu benshi baba muri ivyo bisagara birengagije, kandi vyavuyemwo iki?

MU KINJANA ca mbere mu Gihe Cacu, Pompéi na Herculanum vyari ibisagara bibiri bisagamvye vyo mu Buroma biri hafi y’Umusozi Vésuve. Ku Baroma bifise, ivyo vyari ibibanza bizwi cane baruhukiramwo. Ibibuga vy’inkino vyaho vyarashobora kwakira abantu barenga igihumbi, kandi igisagara ca Pompéi cari gifise ikibuga c’inkino cashobora kwakira hafi abantu bo muri ico gisagara bose. Abacukuye igisagara ca Pompéi baharuye ko hari ubunywero 118, bumwe muri bwo akaba yari amazu yakinirwamwo ivy’akamari canke agakorerwamwo ubumaraya. Ubushegabo be n’uguhahamira amaronko vyari vyariraye, nk’uko ibicapo vyo ku mpome be n’ibindi bisigarira vy’akaranga k’aho bivyerekana.

2 Kw’igenekerezo rya 24 Myandagaro mu 79 G.C., Umusozi Vésuve watanguye gufumba uvamwo ibirunga. Abahinga mu vy’ibirunga bavuga yuko ibirunga vya mbere na mbere bivanganye n’ivyotsi vyirabura, vyisukiriye kuri ivyo bisagara uko ari bibiri bitari kubuza ko ababibamwo bahunga. Nkako, bisa n’uko benshi bahunze. Ariko rero, abandi bafashe minenegwe iyo ngeramizi canke bakirengagiza izo mburizi bahisemwo kwigumira muri ivyo bisagara. Maze nko mu gicugu, ibirunga bigizwe n’ivyuka, ibizi bimeze nk’ibisururu be n’amabuye birurumba vyarisheshe mu gisagara ca Herculanum, bituma abari basigaye muri ico gisagara bose bicwa no kubura impemu. Bukeye, hakiri kare mu gitondo, mwene ivyo birunga nyene vyarishe abantu bose bari mu gisagara ca Pompéi. Ese ukuntu yari inkurikizi y’agacamutima iturutse ku kutumvira imburizi!

Iherezo ry’Urunkwekwe rw’Ibintu rw’Abayuda

3. Ni isano irihe riri hagati y’isangangurwa rya Yeruzalemu n’iry’igisagara ca Pompéi n’ica Herculanum?

3 Iherezo ribabaje rya ca gisagara ca Pompéi n’ica Herculanum nta ho ryari rihuriye n’isangangurwa ry’agahomerabunwa rya Yeruzalemu hari haciye imyaka icenda ribaye, naho ico cago catewe n’umuntu. Iryo sangangurwa rivugwa ko ari “kimwe mu bitero bihambaye vyabaye muri kahise kose” cahitanye Abayuda barenga umuliyoni. Ariko rero, nk’uko vyagenze kuri ca cago c’icaduka cashika mu gisagara ca Pompéi n’ica Herculanum, iryo sangangurwa rya Yeruzalemu ntiryabaye hatabanje kuba imburizi.

4. Ni ikimenyetso menyeshakazoza ikihe Yezu yatanze kugira ngo aburire abayoboke biwe yuko iherezo ry’urunkwekwe rw’ibintu ryari ryegereje, kandi ryagize iranguka rya mbere irihe mu kinjana ca mbere?

4 Yezu Kirisitu yari yaravuze imbere y’igihe isangangurwa ry’ico gisagara, yongera arabura ibintu vyobanje kuba, nk’akarorero ibintu bitesha umutwe vyokwadutse nk’intambara, amapfa, vya nyamugigima be n’ubugarariji. Abahanuzi b’ibinyoma bokoze bivuye inyuma, mugabo inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana yokwamamajwe kw’isi yose. (Matayo 24:4-7, 11-14) Naho amajambo ya Yezu agira iranguka rihambaye muri iki gihe, yaragize iranguka ritoyi ico gihe. Inkuru za kahise zivuga ko habaye ikigoyi gikomeye i Yudaya. (Ivyakozwe 11:28) Umutohozakahise w’Umuyuda Josèphe avuga yuko habayeho nyamugigima mu karere k’i Yeruzalemu hasigaye igihe gitoyi ngo ico gisagara gisangangurwe. Uko iherezo rya Yeruzalemu ryegereza, hari imigumuko n’intambara vyaguma biba hagati y’imigwi y’Abayuda itavuga rumwe mu vya politike be n’ubwicanyi bwaguma bubera mu bisagara vyinshi vyabamwo Abayuda n’Abanyamahanga. Naho ibintu vyari vyifashe gutyo, inkuru nziza y’Ubwami yariko iramamazwa “mu bāremwe bose bo musi y’ijuru.”​—Ab’i Kolosayi 1:23.

5, 6. (a) Ni amajambo menyeshakazoza ya Yezu ayahe yarangutse mu 66 G.C.? (b) Ni kubera iki abapfuye babaye benshi cane igihe amaherezo Yeruzalemu hasangangurwa mu 70 G.C.?

5 Amaherezo mu 66 G.C., Abayuda baragararije Uburoma. Igihe Cestius Gallus yayobora ingabo kugira ngo zugarize Yeruzalemu, abayoboke ba Yezu baciye bibuka amajambo agira ati: “Ni mwabona i Yerusalemu hakikijwe n’ibitero, muze mumenye yuk’ubuyobe bgaho bugira bushike. Ico gihe abazoba bar’i Yudaya baze bahungire ku misozi miremire, kand’abazoba bari hagati muri Yerusalemu baze bahasokoroke, kand’abazoba bari mu misozi ntibaze baje i Yerusalemu.” (Luka 21:20, 21) Igihe cari gishitse c’uko bava i Yeruzalemu, ariko gute? Mu buryo butari bwitezwe, Gallus yarakuyeyo ingabo ziwe, Abakirisu bari basanzwe bari i Yeruzalemu n’i Yudaya baboneraho akaryo ko kugamburuka amajambo ya Yezu maze bahungira mu misozi.​—Matayo 24:15, 16.

6 Hashize imyaka 4, nko mu gihe ca Pasika, ingabo z’Abaroma zaragarutse zirongowe na Jenerali Titusi yari yiyemeje kurandurana n’imizi ubugarariji bw’Abayuda. Ingabo ziwe zarakikuje Yeruzalemu hanyuma zirubaka “uruzitiro rw’ibisonga,” bituma ata muntu n’umwe ashobora gucaruka. (Luka 19:43, 44, NW) Naho vyaboneka ko intambara ishobora kwaduka, Abayuda bavuye mu mihingo yose y’Inganji y’Abaroma bari basegenyukiye i Yeruzalemu guhimbaza Pasika. Ico gihe bari bugarijwe. Nk’uko Josèphe abivuga, izo ngenzi zaguye mu mporero ni zo ahanini zari nyinshi mu bari bugarijwe n’Abaroma.a Igihe amaherezo i Yeruzalemu hasangangurwa, nk’ic’indwi c’Abayuda bose baba mu mihingo yose y’Inganji y’Abaroma barahasize agatwe. Isangangurwa rya Yeruzalemu n’urusengero rw’aho ryasigura yuko intwaro y’Abayuda be n’uburyo bwabo bwo gusenga bushingiye ku Vyagezwe vya Musa vyari bikuweho.b​—Mariko 13:1, 2.

7. Ni kubera iki Abakirisu b’abizerwa barokotse isangangurwa rya Yeruzalemu?

7 Mu 70 G.C., Abakirisu b’Abayuda bari gushobora kwicwa canke bakajanwa inyagano cokimwe n’abandi bose bari i Yeruzalemu. Ariko rero, nk’uko ibimenyamenya vyo muri kahise bivyerekana, bari barumviye imburizi hari haciye imyaka 37 Yezu atanze. Bari bavuye muri ico gisagara kandi ntibari bwakigarukemwo.

Imburizi Ihuje n’Igihe Yatanzwe n’Intumwa

8. Ni ibiki Petero yabonye ko bikenewe kandi ni amajambo ya Yezu ayahe ashobora kuba yari afise mu muzirikanyi?

8 Muri iki gihe, hari isangangurwa ryimirije riruta kuri n’iyo iryo ryabaye, rikaba rizokuraho uru runkwekwe rw’ibintu rwose uko rungana. Hagisigaye imyaka 6 ngo Yeruzalemu hasangangurwe, intumwa Petero yaratanze impanuro yihuta kandi ihuje n’igihe ikora canecane ku Bakirisu bo mu gihe cacu. Igira iti: Mugume muri maso! Petero yarabonye yuko vyari bikenewe ko Abakirisu bakangura “ubushobozi bwabo bwo kwiyumvira butomoye” (NW) kugira ngo ntibashobore kwirengagiza “icagezwe c’Umwami” Yezu Kirisitu. (2 Petero 3:1, 2) Mu guhimiriza Abakirisu ngo babe maso, Petero ashobora kuba yari afise mu muzirikanyi amajambo yari yarumvise Yezu abwira intumwa ziwe hagisigaye imisi mikeyi ngo apfe, na yo akaba ari aya: “Mwiyubare, mube maso, . . . kuko mutazi igihe bizoshikira.”​—Mariko 13:33.

9. (a) Ni inyifato irimwo ingeramizi iyihe bamwebamwe botsimbataza? (b) Ni kubera iki ugukekeranya ari ingeramizi ihambaye?

9 Muri iki gihe, abantu benshi baritwengera babaza bati: “Isezerano ryo kuza kwiwe riri hehe se?” (2 Petero 3:3, 4) Bisa n’uko abo bantu babona ko vy’ukuri ibintu bitigera bihinduka ahubwo ko bibandanya uko vyamye kuva isi ikiremwa. Ugukekeranya nk’ukwo ni ingeramizi. Kurashobora gutuma tutaba tukibona ko ibintu vyihutirwa, bikadukwegera mu kurondera guhaza ivyipfuzo vyacu. (Luka 21:34) Vyongeye, nk’uko Petero avyerekana, abantu nk’abo bitwengera baribagira wa Mwuzure wo mu gihe ca Nowa wasangangura urunkwekwe rw’ibintu rwo kw’isi yose. Ico gihe isi yarahindutse koko!​—Itanguriro 6:13, 17; 2 Petero 3:5, 6.

10. Ni amajambo ayahe Petero akoresha mu kuremesha abo vyoshobora gushika ntibihangane?

10 Petero arafasha abasoma ikete ryiwe gutsimbataza ukwihangana mu kubibutsa igituma Imana idaca akenshi igira ico ikoze ubwo nyene. Ubwa mbere, Petero avuga ati: “ Ku Mwami Imana umusi umwe umeze nk’imyaka igihumbi, n’imyaka igihumbi imeze nk’umusi umwe.” (2 Petero 3:8) Kubera yuko Yehova yamaho ibihe bidahera, arashobora kurimbura ibintu vyose kandi agahitamwo igihe ciza co kugira ico akoze. Maze, Petero arashimika ku cipfuzo Yehova afise c’uko abantu bo mu mihingo yose bigaya. Ukwihangana kw’Imana gusobanura ubukiriro ku bantu benshi bosangangurwa iramutse igize ico ikoze ubwo nyene. (1 Timoteyo 2:3, 4; 2 Petero 3:9) Ariko rero, ukwihangana kwa Yehova ntigusigura ko atazokwigera agira ico akoze. Petero avuga ati: “Umusi w’Umwami wacu uzoza nk’igisuma.”​—2 Petero 3:10, ni twe tubihiritse.

11. Ni igiki kizodufasha kuguma turi maso mu buryo bw’impwemu, kandi ivyo bizosa n’‘ivyihutisha’ gute umusi wa Yehova?

11 Ikigereranirizo Petero atanga kirahambaye. Ntivyoroshe gufata ibisuma, mugabo umunyezamu aguma ari maso ijoro ryose birashoboka rwose ko acakira igisuma kuruta umunyezamu aza arahunyiza. Umunyezamu ashobora gute kuguma ari maso? Kuza aragendagenda biratuma arushiriza kuguma ari maso kuruta kuguma yicaye ijoro ryose. Mu buryo nk’ubwo nyene, kuguma dushirutse ubute mu buryo bw’impwemu bizodufasha twebwe Abakirisu kuguma turi maso. Kubera ico, Petero aduhimiriza kuguma dufise vyinshi dukora mu bijanye n’“imigenzo myeranda no mu bikorwa vy’ukuyobokera Imana.” (2 Petro 3:11, UB) Ibikorwa nk’ivyo bizodufasha kubandanya “[“kugumiza hafi mu muzirikanyi,” NW] ukuza kw’umusi w’Imana [t]uwuhahamiye.” Ijambo ry’Ikigiriki ryahinduwe ngo “kugumiza hafi mu muzirikanyi” urudome ku rundi rihindurwa “kwihutisha.” (2 Petero 3:12) Ni vyo, ntidushobora guhindura ingengabihe ya Yehova. Umusi wiwe uzoza ku gihe yashinze. Mugabo igihe usigaje kugira ngo ushike kizosa n’icihuta cane nitwaramuka tugize vyinshi dukora mu murimo wiwe.​—1 Ab’i Korinto 15:58.

12. Ni gute ubwacu dushobora kwungukira ku kwihangana kwa Yehova?

12 Ku bw’ivyo rero, abantu bose biyumvira ko umusi wa Yehova utevye, baremeshwa kwumvira imburizi ya Petero yo kurindira bihanganye igihe Yehova yashinze. Nkako, mu gihe Imana icihanganye, turashobora gukoresha uwo mwanya mu buryo buranga ubukerebutsi. Nk’akarorero, turashobora kubandanya gutsimbataza kamere ntahara za gikirisu, tudashize inyuma ukubwira inkuru nziza abandi bantu benshi bashoboka. Nitwaguma turi maso, Yehova azosanga ‘turi mu mahoro, tutagira ikirabagu, tutariko umugayo imbere yiwe’ kw’iherezo ry’uru runkwekwe rw’ibintu. (2 Petero 3:14, 15) Ese ukuntu uwo uzoba ari umuhezagiro!

13. Ni amajambo ayahe Paulo yandikiye Abakirisu b’i Tesalonike abereye cane muri iki gihe?

13 Mw’ikete rya mbere Paulo yandikiye Abakirisu b’i Tesalonike, na we nyene aravuga ko bikenewe ko umuntu aguma ari maso. Atanga impanuro ikurikira: “Ntidusinzire nka ba bandi, ariko twame tugavye, [tugume turikanuye].” (1 Ab’i Tesalonike 5:2, 6) Ese ukuntu ivyo bikenewe muri iki gihe isangangurwa ry’uru runkwekwe rw’ibintu rwose riguma ryegereza! Abasavyi ba Yehova baba mw’isi yuzuyemwo ukutanegwa ivy’impwemu kandi ivyo birashobora kubagirako akosho. Ku bw’ivyo, Paulo atanga impanuro ikurikira: “[Tugume turikanuye], twambaye icuma gikīngīra igikiriza c’ukwizera n’urukundo, kandi twambaye nk’inkofero ukwizigira agakiza.” (1 Ab’i Tesalonike 5:8) Kwiga Ijambo ry’Imana ubudahorereza no kwama twifatanya n’abavukanyi bacu ku makoraniro, bizodufasha gushira mu ngiro impanuro ya Paulo no kuguma tubona ko ibintu vyihutirwa.​—Matayo 16:1-3.

Abantu Amamiliyoni Baguma Bagavye

14. Ni ibitigiri ibihe vyerekana ko benshi bariko barakurikira impanuro Petero yatanze yo kuguma turi maso?

14 Hoba hariho abantu benshi muri iki gihe bumvira indemesho yahumetswe yo kuguma bari maso? Egome. Mu mwaka w’umurimo w’2002, igitigiri c’agaheta c’abamamaji 6.304.645, rikaba ari iyongerekana ry’ibice 3,1 kw’ijana ugereranije n’umwaka w’umurimo w’2001, baratanze ikimenyamenya cerekana yuko bari maso mu buryo bw’impwemu, mu kumara amasaha 1.202.381.302 babwira abandi ivyerekeye Ubwami bw’Imana. Igikorwa nk’ico ntibakibona nk’ikintu co guheza umwuga. Ico gikorwa ni co cari kigize umuce nyamukuru w’ubuzima bwabo. Agatima abatari bake muri bo berekanye kabonekera kuri Eduardo na Noemi bo mu gihugu ca Salvador.

15. Ni icabonywe ikihe co muri Salvador cerekana ko benshi baguma bari maso mu buryo bw’impwemu?

15 Haraciye imyaka nk’ingahe Eduardo na Noemi bashize ku mutima amajambo ya Paulo agira ati: ‘Uko isi imeze uku, kugenda guhindagurika.’ (1 Ab’i Korinto 7:31) Baroroheje ubuzima bwabo maze baratangura igikorwa c’igihe cose c’ubutsimvyi. Uko igihe cagenda kirengana, barahezagiwe mu buryo bwinshi mbere baranakora igikorwa c’ubucungezi bw’umuzunguruko n’ubw’intara. Naho Eduardo na Noemi bahuye n’ingorane zikomeye, barazi neza yuko bafashe ingingo ibereye igihe baheba gukurikira amatungo y’ivy’umubiri bagakurikirana umurimo w’igihe cose. Abatari bake mu bamamaji 29.269 bo muri Salvador ushizemwo n’abatsimvyi 2.454, barerekanye agatima ko kwitanga nk’ako, iyo ikaba ari imwe mu mvo zatumye haba iyongerekana ry’ibice 2 kw’ijana ry’abamamaji muri ico gihugu mu mwaka uheze.

16. Ni agatima akahe umuvukanyi w’umusore wo muri Côte d’Ivoire yerekanye?

16 Muri Côte d’Ivoire, hari umusore w’Umukirisu yandikiye ibiro vy’ishami yagaragaje agatima nk’ako, yanditse ati: “Ubu nsukura ndi umukozi w’ishengero. Ariko sinshobora kubwira abavukanyi ngo bakore ubutsimvyi mu gihe jewe ubwanje ntatanga akarorero keza. Ni co gituma nahevye akazi k’umushahara mwiza, ubu nkaba nikorera utwanje. Ivyo biratuma ndonka umwanya wiyongereye wo mu busuku.” Uwo musore yabaye umwe mu batsimvyi 983 basukurira muri Côte d’Ivoire, ico gihugu kikaba catanze raporo y’abamamaji 6.701 mu mwaka uheze, ni ukuvuga iyongerekana ry’ibice 5 kw’ijana.

17. Umuvukanyikazi akiri muto wo mu Bubirigi yerekanye gute yuko adaterwa ubwoba n’uko tuvugwa uko tutari?

17 Abamamaji b’Ubwami 24.961 bo mu Bubirigi barabandanya gushikirwa n’ingorane ziturutse ku kubinuba, ku kubavuga uko batari no kw’ivangura ry’amoko. Naho biri ukwo, ni abanyamwete kandi ntibatinya. Igihe umuvukanyikazi w’imyaka 16 yumva kw’ishure Ivyabona vya Yehova bavugwa ko ari akadumbi bariko bariga icigwa cerekeye ivy’inyifato, yarasavye uruhusha kugira ngo yerekane ko atari ukwo biri. Akoresheje ya videwo Les Témoins de Jéhovah: un nom, une organisation na ka gatabu Ivyabona vya Yehova​—Ni Bande? Bemera Ibiki?, yarashoboye gusigura Ivyabona abo ari bo vy’ukuri. Ayo makuru yarakiriwe neza cane, maze mu ndwi ikurikira abanyeshure baciye bahabwa ikibazo, kikaba carimwo utubazo twose tujanye n’idini rya gikirisu ry’Ivyabona vya Yehova.

18. Ni ikimenyamenya ikihe kihari cerekana yuko ingorane z’ivy’ubutunzi zitabujije ko abamamaji bo muri Arijantine no muri Mozambike basukurira Yehova?

18 Abakirisu batari bake bategerezwa guhangana n’ingorane zikomeye muri iyi misi y’iherezo. Yamara, barihata kugira ngo ntihagire ikibasamaza. Naho bizwi ko igihugu ca Arijantine kiri mu ngorane z’ivy’ubutunzi, caratanze raporo y’igitigiri gishasha c’agaheta c’Ivyabona 126.709 mu mwaka uheze. Mu gihugu ca Mozambike cose haracarangwa ubukene. Naho biri ukwo, haratanzwe raporo y’abamamaji 37.563 bagize uruhara mu gikorwa co gushinga intahe, rikaba ryari iyongerekana ry’ibice 4 kw’ijana. Ku Banyalubaniya benshi, usanga ubuzima bugoye, yamara ico gihugu catanze raporo y’iyongerekana ryiza ry’ibice 12 kw’ijana, gishikira igitigiri c’agaheta c’abamamaji 2.708. Biragaragara ko ibintu bigoye bitabuza ko impwemu ya Yehova ikora mu gihe abasavyi biwe bashize imbere ivy’Ubwami.​—Matayo 6:33.

19. (a) Ni igiki cerekana ko hakiriho abantu benshi bameze nk’intama banyotewe ukuri kwa Bibiliya? (b) Ni ibindi bintu bimwebimwe ibihe vyashizwe muri raporo y’umwaka vyerekana yuko abasavyi ba Yehova baguma bari maso mu buryo bw’impwemu? (Raba igicapo ku rupapuro rwa 12-15.)

19 Raporo y’incahagati y’inyigisho za Bibiliya 5.309.289 zarongowe uko ukwezi gutashe yatanzwe mu mwaka uheze kw’isi yose, irerekana yuko hakiriho abantu bameze nk’intama banyotewe ukuri kwa Bibiliya. Uravye igitigiri gishasha c’agaheta 15.597.746 c’abitavye Icibutso, benshi muri bo ntibaratangura gusukurira Yehova babigiranye umwete. Ese bobandanya gukura mu bumenyi no mu rukundo bafitiye Yehova be n’ikivukano cacu. Birakora ku mutima kubona “ishengero ryinshi” ry’“izindi ntama” babandanya kuba abimbuka uko basukurira Umuremyi “mu rusengero rw[iwe] ku murango no mw ijoro” bifatanije n’abavukanyi babo basizwe impwemu.​—Ivyahishuriwe 7:9, 15; Yohana 10:16.

Icigwa Dukura Kuri Loti

20. Twigira iki ku karorero ka Loti n’umugore wiwe?

20 Ariko ntiwumve, n’abasavyi b’Imana b’abizerwa barashobora rimwe na rimwe kutabona ko ibintu vyihutirwa. Niwiyumvire ivyerekeye Loti umuhungwabo wa Aburahamu. Abamarayika babiri baramumenyesheje ko Imana yari igiye gusangangura Sodomu na Gomora. Ayo makuru ashobora kuba atatangaje Loti, we “yababazwa cane n’ingeso z’isoni nke z’abatirinda.” (2 Petero 2:7) Mugabo, igihe abo bamarayika babiri baza kumukura i Sodomu, yagumye ‘ajurajura.’ Abo bamarayika bategerejwe kumukwegera inyuma y’ico gisagara n’umuryango wiwe. Mu nyuma, muka Loti yarirengagije imburizi y’abo bamarayika yo kutaraba inyuma. Agatima kiwe ko kuba sindabibazwa katumye ahasiga ubuzima. (Itanguriro 19:14-17, 26) Yezu yatanze iyi mburizi igira iti: “Mwibuke muka Loti.”​—Luka 17:32.

21. Ni kubera iki bihambaye kuguma turi maso ubu kuruta ikindi gihe ico ari co cose?

21 Ca cago cashikira igisagara ca Pompéi n’ica Herculanum, vya bintu vyaba bijanye n’isangangurwa rya Yeruzalemu, hamwe na ka karorero kerekeye Umwuzure wo mu gihe ca Nowa be n’aka Loti, ivyo vyose birerekana akamaro ko gufatana uburemere imburizi. Twebwe abasavyi ba Yehova, turazi ikimenyetso kiranga igihe c’iherezo. (Matayo 24:3) Twaritandukanije n’idini y’ikinyoma. (Ivyahishuriwe 18:4) Nka kumwe kw’Abakirisu bo mu kinjana ca mbere, turakeneye ‘kugumiza hafi mu muzirikanyi ukuza kw’umusi wa Yehova.’ (2 Petero 3:12) Emwe, dutegerezwa kuguma turi maso ubu kuruta ikindi gihe ico ari co cose! Ni intambwe izihe dushobora gutera, kandi ni kamere izihe dushobora gutsimbataza kugira ngo tugume turi maso? Ikiganiro gikurikira kirarimbura ivyo bibazo.

[Utujambo tw’epfo]

a Biboneka ko ababa i Yeruzalemu mu kinjana ca mbere batarenga 120.000. Eusèbe aharura yuko abantu 300.000 bo mu ntara ya Yudaya bari baje i Yeruzalemu guhimbaza Pasika yo mu 70 G.C. Abasigaye mu bahasize ubuzima bategerezwa kuba bari baje bava mu yindi mihingo y’iyo nganji.

b Ariko ntiwumve, ufatiye ku kuntu Yehova abona ibintu, Ivyagezwe vya Musa vyari vyarasubiriwe n’isezerano risha mu 33 G.C.​—Abanyefeso 2:15.

Wokwishura Gute?

• Ni ibintu ibihe vyariko biraba vyatumye Abakirisu b’Abayuda bahunga isangangurwa rya Yeruzalemu?

• Impanuro ziri mu vyo intumwa Petero na Paulo banditse zidufasha gute kuguma turi maso?

• Ni bande muri iki gihe batanga ikimenyamenya c’uko bari maso koko?

• Ni icigwa ikihe twigira ku nkuru ya Loti n’umugore wiwe?

[Igicapo ku rup. 12-15]

RAPORO Y’UMWAKA W’UMURIMO W’IVYABONA VYA YEHOVA KW’ISI YOSE W’2002

(See bound volume)

[Ifoto ku rup. 9]

Mu 66 G.C., Abakirisu baba i Yeruzalemu barumviye imburizi ya Yezu

[Amafoto ku rup. 10]

Abakirisu bagumye bashirutse ubute birafasha kuguma bari maso

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika