ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 1/2 rup. 13-18
  • ‘Mugiriranire Urukundo’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Mugiriranire Urukundo’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Murushirize Kugira Rwinshi”
  • Intama Yazimiye be n’Ihera Ryatakaye
  • Naho Bazimiye Bari n’Agaciro
  • Niwibwirize
  • Nube Uwengenga
  • Nube Umunyabwira
  • “Mukwiye gufasha abadakomeye”
    Ririmbira Yehova amashemezo
  • ‘Fasha abagoyagoya’
    Turirimbire Yehova
  • “Jewe ubwanje nzorondera intama zanje”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • ‘Dufashe abagoyagoya’
    Turirimbire Yehova tunezerewe
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 1/2 rup. 13-18

‘Mugiriranire Urukundo’

“Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko mur’abigishwa banje.”​—YOHANA 13:35.

1. Ni kamere iyihe Yezu yashimitseko hasigaye igihe gito ngo apfe?

“BANA bato.” (Yohana 13:33) Ayo majambo aranga ikibabarwe, Yezu yayabwiye intumwa ziwe ku mugoroba imbere yuko apfa. Mu nkuru zanditse mu Njili, nta ho dusanga Yezu yari bwigere akoresha ayo majambo aranga imbabazi mu kuvugana na bo. Ariko rero, kuri uwo mugoroba udasanzwe, umutima waramusunikiye ku gukoresha ayo majambo y’igikundiro kugira yerekane urukundo rugera ibwina yakunda abayoboke biwe. Kukaba nkako, kuri uwo mugoroba, Yezu yaravuze urukundo nk’incuro 30. Ni kubera iki yashimitse bigeze iyo hose kuri iyo kamere?

2. Ni kubera iki kugaragaza urukundo bihambaye cane ku Bakirisu?

2 Yezu yarasiguye igituma urukundo ruhambaye cane. Yavuze ati: “Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko mur’abigishwa banje.” (Yohana 13:35; 15:12, 17) Kuba umuyoboke wa Kirisitu birafitaniye isano cane n’ukugaragaza urukundo rwa kivukanyi. Abakirisu b’ukuri ntibamenyekanira ku nyambaro biharije canke ku migenzo imwimwe idasanzwe bafise, mugabo bamenyekanira ku rukundo bagiriranira ruranga igishika n’ikibabarwe. Kugira urukundo nk’urwo rutari urwo agaseseshwarumuri, ni ikintu kigira kabiri muri bimwe bitatu nyamukuru bivurwa mu kiganiro c’imbere y’iki umwigishwa wa Kirisitu asabwa gushitsa. Ni igiki kizodufasha kubandanya gushitsa ico kintu gisabwa?

“Murushirize Kugira Rwinshi”

3. Ku biraba urukundo, ni inkeburo iyihe intumwa Paulo yatanze?

3 Nk’uko vyari biri mu bayoboke ba Kirisitu bo mu kinjana ca mbere, urwo rukundo rutari urwo agaseseshwarumuri ruribonekeza muri iki gihe mu bigishwa nyakuri ba Kirisitu. Intumwa Paulo yandikiye Abakirisu bo mu kinjana ca mbere ati: “Ivyo gukunda bene Data ntimurinda kuvyandikirwa, kuk’ubganyu mwigishijwe n’Imana gukundana; kandi ni ko nyene mugiriranira na bene Data bose.” Naho biri ukwo, Paulo yongeyeko ati: “Murushirize kugira rwinshi.” (1 Ab’i Tesalonike 3:12; 4:9, 10) Na twebwe turakeneye gushira ku muzirikanyi iyo nkeburo ya Paulo kandi tukihatira kugiriranira urukundo ‘rwinshi.’

4. Nk’uko Paulo na Yezu babivuze, ni bande canecane dukwiye kwitwararika?

4 Muri iryo kete nyene ryahumetswe, Paulo yahanuye abo basangiye ukwizera “[k]uremesh[a] abarandutse imitima” no ‘kuramira abanyantege nke.’ (1 Ab’i Tesalonike 5:14) Ikindi gihe, yibukije Abakirisu yuko “abakomeye [ba]kwiye kwihanganira intege nke z’abadakomeye.” (Abaroma 15:1) Yezu na we nyene yaratanze ubuyobozi mu bijanye n’ugufasha abari n’intege nke. Amaze kubura yuko mw’ijoro ry’ugufatwa kwiwe Petero yomutaye, Yezu yamubwiye ati: “Ni wamara guhinduka, uz’uremeshe bagenzi bawe.” Kubera iki? Kubera yuko na bo nyene bobaye bataye Yezu, gutyo bakaba bakeneye imfashanyo. (Luka 22:32; Yohana 21:15-17) Ku bw’ivyo, Ijambo ry’Imana ridutegeka gukunda n’abafise intege nke mu buryo bw’impwemu boshobora kuba barahororokewe, bakareka kwifatanya n’ishengero rya gikirisu. (Abaheburayo 12:12) Ni kubera iki dukwiye kubigenza gutyo? Ibigereranirizo bibiri bitomoye Yezu yatanze biraduha inyishu.

Intama Yazimiye be n’Ihera Ryatakaye

5, 6. (a) Ni ibigereranirizo bibiri bigufibigufi ibihe Yezu yatanze? (b) Ivyo bigereranirizo bihishura iki ku vyerekeye Yehova?

5 Yezu mu kwigisha abamwumviriza ukuntu Yehova abona abazimiye, yatanze ibigereranirizo bibiri bigufibigufi. Ica mbere cari cerekeye umwungere. Yezu yavuze ati: “Hogira umuntu muri mwebge afise intama ijana, yozimiza imwe muri zo, ntiyosiga izindi mirongwicenda n’icenda mu gahinga, akaja kurondera iyazimiye, kugeza ah’ayibonera? Iy’ayibonye, ayiterera ku bitugu anezerewe; yashika mu rugo, agahamagara incuti ziwe n’ababanyi biwe, akababgira, ati Tunezeranwe, kuko mbonye intama yanje yari yāzimiye. Ndababgira yuko mw ijuru bazonezererwa bartyo umunyavyaha umwe yihannye, bakamurutisha abagororotsi mirongwicenda n’icenda batarinda kwihana.”​—Luka 15:4-7.

6 Ikigereranirizo kigira kabiri cari cerekeye umugore. Yezu yavuze ati: “Umugore yogira amahera cumi, akabura rimwe, ntiyodomeka itara, agakubura inzu, akarondera ashishikaye kugeza ah’aribonera? Iy’aribonye, ahamagara incuti ziwe n’ababanyi biwe, akababgira, ati Tunezeranwe, kuko mbonye ihera nari nājimije. Ndababgire, Uko ni ko haba umunezero imbere y’abamarayika b’Imana kubg’umunyavyaha umwe yihannye.”​—Luka 15:8-10.

7. Ni ivyigwa bibiri ibihe dukura muri ca kigereranirizo c’intama yazimiye no muri kimwe c’ihera ryatakaye?

7 Dushobora kwigira iki kuri ivyo bigereranirizo bigufibigufi? Biratwereka (1) ukuntu dukwiye kwumva tumerewe ku biraba abacitse intege be (2) n’ico dukwiye gukora kugira tubafashe. Nimuze turimbure ivyo vyiyumviro.

Naho Bazimiye Bari n’Agaciro

8. (a) Wa mwungere na wa mugore bavyifashemwo gute igihe hari ico bari batakaje? (b) Ukuntu bavyifashemwo bitwereka iki ku bijanye n’ukuntu babona ikintu bari batakaje?

8 Muri ivyo bigereranirizo vyompi, hari ibintu vyari vyazimiye, mugabo raba ukuntu benevyo bavyifashemwo. Umwungere ntiyavuze ngo: ‘Intama imwe imaze iki mu gihe ngisigaranye 99? Izo ziramaze.’ Wa mugore ntiyavuze ngo: ‘Ni kubera iki norazwa ishinga n’ihera rimwe? Amahera icenda nsigaranye aramaze.’ Aho kuvuga gutyo, umwungere yararondeye intama yiwe yazimiye nk’aho ari yo yonyene yari atunze. Uwo mugore na we, yumva ko umenga ihera ryiwe ryatakaye ari ryo ryonyene yari afise. Muri ivyo bigereranirizo vyompi, nyene gutakaza yagumye abona ko ico yatakaje gifise agaciro. Ivyo vyerekana iki?

9. Ubwitwararitsi wa mwungere na wa mugore bagaragaje bwerekana iki?

9 Raba ukuntu Yezu yasozereye avuga muri ubwo burorero bwompi: “Mw ijuru bazonezererwa bartyo umunyavyaha umwe yihannye” kandi ngo “ndababgire, Uko ni ko haba umunezero imbere y’abamarayika b’Imana kubg’umunyavyaha umwe yihannye.” (Ni twe tubihiritse.) Ku bw’ivyo, ubwitwararitsi wa mwungere na wa mugore bagaragaje, burerekana ku rugero rutoyi inyiyumvo Yehova be n’ibiremwa vyiwe vyo mw’ijuru bagira. Nk’uko wa mwungere na wa mugore bagumye babona ko icari catakaye gifise agaciro, ni ko n’abatwawe akayombekere hanyuma bakareka kwifatanya n’abasavyi b’Imana baguma bafise agaciro mu nyonga za Yehova. (Yeremiya 31:3) Abantu nk’abo bashobora kuba bafise intege nke mu buryo bw’impwemu, yamara si ngombwa ngo babe ari abagarariji. Naho bacitse intege, boshobora ku rugero runaka kuba bagishitsa ivyo Yehova asaba. (Zaburi 119:176; Ivyakozwe 15:29) Ku bw’ivyo, nk’uko vyari bimeze mu gihe ca kera, Yehova ntaca ‘abaca.’​—2 Abami 13:23.

10, 11. (a) Dukwiye kubona gute abatwawe akayombekere bakareka kwifatanya n’ishengero? (b) Nk’uko ibigereranirizo bibiri Yezu yatanze bivyerekana, dushobora kwerekana gute ko tubitwararika?

10 Nka kumwe kwa Yehova na Yezu, na twebwe turitwararika abantu bacitse intege kandi baretse kwifatanya n’ishengero rya gikirisu. (Ezekiyeli 34:16; Luka 19:10) Umuntu agoyagoya mu buryo bw’impwemu tumubona nk’intama yazimiye, ntitumubona nk’uwagiye akagirire. Ntitwiyumvira ngo: ‘Kubera iki umuntu umwe yacitse intege yoturaza ishinga? Ishengero ririko riratera imbere naho atahari.’ Aho kwiyumvira gutyo, abatwawe akayombekere bipfuza kugaruka, tubona yuko bari n’agaciro nk’uko na Yehova ababona.

11 Dushobora kwerekana gute none inyiyumvo dufise zo kubitwararika? Vya bigereranirizo bibiri Yezu yatanga birerekana ko dushobora kubigira (1) mu kwibwiriza, (2) mu kuba uwengenga no (3) mu kuba umunyabwira. Nimuze turabe ivyo bintu kimwekimwe ukwaco.

Niwibwirize

12. Aya majambo ngo “aja kurondera iyazimiye” atubwira iki ku vyerekeye agatima uwo mwungere afise?

12 Mu kigereranirizo ca mbere, Yezu avuga yuko umwungere “aja kurondera iyazimiye.” Umwungere aribwiriza maze akagira akigoro ko kurondera intama yazimiye. Ingorane yogira, ingeramizi vyohura be n’urugendo yogira ntibimuca intege. Ahubwo, uwo mwungere arashishikara “kugeza ah’ayibonera.”​—Luka 15:4.

13. Abagabo b’abizerwa bo mu bihe vya kera bakoze iki igihe hari ivyo abafise intege nke bari bakeneye, kandi dushobora kwigana gute uburorero nk’ubwo bwo muri Bibiliya?

13 Mu buryo nk’ubwo nyene, gufasha umuntu akeneye indemesho akenshi bisaba ko uwukomeye yibwiriza. Abagabo b’abizerwa bo mu bihe vya kera ivyo barabitahura. Nk’akarorero, igihe Yonatani umuhungu w’Umwami Sauli yabona ko umugenzi wiwe pfampfe Dawidi yari akeneye indemesho, yaciye “ahaguruka, aja iyo Dawidi ari i Horeshi, amuremēsha mu vy’Imana.” (1 Samweli 23:15, 16) Hashize ibinjana, igihe Buramatari Nehemiya yabona ko Abayuda bagenziwe bamwebamwe bari bacitse intege, na we nyene ‘yaciye ava hasi,’ hanyuma abaremesha ‘kuguma bibuka Yehova.’ (Nehemiya 4:14) Na twebwe muri iki gihe turakwiye ‘kuva hasi,’ tukibwiriza gukomeza abacitse intege. Mugabo none, ni nde akwiye kubigira mw’ishengero?

14. Mw’ishengero rya gikirisu, ni nde akwiye gufasha abacitse intege?

14 Abakurambere bakirisu canecane barafise ibanga ryo ‘gukomeza amaboko areganutse, kugumisha amavi aregarega’ no ‘kubwira abahagaritse imitima bati: ‘Rema, nta co mutinya.’’ (Yesaya 35:3, 4; 1 Petero 5:1, 2) Ariko rero, urabona yuko inkeburo ya Paulo yo ‘kuremesha abarandutse imitima’ no ‘kuramira abanyantege nke’ itahawe abakurambere bonyene. Ahubwo, amajambo ya Paulo yabwiwe “ishengero ry’i Tesalonike” ryose. (1 Ab’i Tesalonike 1:1; 5:14) Gufasha abacitse intege rero ni igikorwa kiraba Abakirisu bose. Nka kumwe kwa wa mwungere avugwa mu kigereranirizo, Umukirisu wese akwiye kwumva avyuriwe umutima wo “k[u]ja kurondera iyazimiye.” Birumvikana ko ivyo bigirwa mu buryo bwiza mu kuja inama n’abakurambere. Hoba hari intambwe zinaka ushobora gutera kugira usahirize uwacitse intege mw’ishengero ryanyu?

Nube Uwengenga

15. Ni kubera iki uwo mwungere ashobora kuba yarabigenjeje gutyo?

15 Wa mwungere agira iki igihe amaherezo abonye ya ntama yari yazimiye? “Ayiterera ku bitugu.” (Luka 15:5) Ese ukuntu ico ari ikintu gikora ku mutima kandi kiri n’ico kivuze! Iyo ntama ishobora kuba yarayerereye imisi n’amajoro mu karere itamenyereye, ikaba ishobora no kugeramirwa n’intambwe zihiga icorirenza. (Yobu 38:39, 40) Kumbure iyo ntama ifise intege nke kubera yabuze ivyo irya. Nta tuguvu ifise ku buryo itoshobora gutsinda intambamyi yohura na zo ikoresheje inkomezi zayo bwite igihe igaruka mu ruhongore. Ku bw’ivyo, wa mwungere arunama, akayiterura yengenga, akayirēngānya intambamyi zose, akayisubiza mu mukuku. Dushobora gute kwigana ubwitwararitsi uwo mwungere yagaragaje?

16. Ni kubera iki dukwiye kwigana ikibabarwe wa mwungere yagirira ya ntama yazimira?

16 Tubivuze mu buryo bw’impwemu, umuntu yahororokewe agaheza akareka kwifatanya n’ishengero ashobora kuba arushe. Nka kumwe kwa ya ntama yitandukanya n’umwungere, umuntu nk’uyo ashobora kuba yarayerereye muri iyi si yononekaye. Uruhongore ari ryo shengero rya gikirisu rutamukingiye, arabangamirwa n’ibitero vya Shetani, we “agendagenda nk’intambge yivuga, arondera uwo arotsa.” (1 Petero 5:8) Vyongeye, aracika intege bitewe n’ukubura ibifungurwa vy’impwemu. Ku bw’ico, aba afise intege nke cane ku buryo atoshobora gutsinda wenyene intambamyi yohura na zo ariko aragaruka mw’ishengero. Ni nk’aho rero dukeneye kwunama, tugaterura uwacitse intege twengenga, tukamugarukana. (Ab’i Galatiya 6:2) Ivyo twoshobora kubishitsa gute?

17. Dushobora gute kwigana intumwa Paulo igihe tugendera uwacitse intege?

17 Intumwa Paulo yavuze ati: “Ni nde adakomera, nanje simbe ūdakomeye?” (2 Ab’i Korinto 11:29; 1 Ab’i Korinto 9:22) Paulo yarumvira impuhwe abantu, ushizemwo n’abacitse intege. Abacitse intege, dukeneye kubagirira impuhwe nk’izo nyene. Igihe ugendera Umukirisu yacitse intege mu buryo bw’impwemu, numusubirize umutima mu nda yuko afise agaciro mu nyonga za Yehova be n’uko Ivyabona bagenziwe bamukumbura cane. (1 Ab’i Tesalonike 2:17) Numumenyeshe yuko biteguriye kumushigikira be n’uko bashaka kumubera “uwo [ba]vukana mu magorwa.” (Imigani 17:17; Zaburi 34:18) Amajambo akora ku mutima dukoresha yoshobora kumuvyura buhorobuhoro gushika naho ashobora kugaruka mu mukuku. Dukwiye guca dukora iki? Ca kigereranirizo c’umugore n’ihera ryatakaye kiraduha ubuyobozi.

Nube Umunyabwira

18. (a) Ni kubera iki wa mugore avugwa mu kigereranirizo atumvise yihebuye? (b) Ni utwigoro utuhe wa mugore yagiranye ubwira, kandi vyavuyemwo iki?

18 Wa mugore yatakaza ihera, arazi yuko ivyo bintu bitoroshe mugabo ko bidatuma yihebura. Iyo iryo hera rigwa mw’ishamba canke mu biziba, kumbure ntiyokwiriwe ariyamvya arirondera kubera yuko atoritoye. Ariko rero, kubera azi yuko nya hera rishobora kuba riri ahantu kanaka mu nzu ashobora gushika, aca atangura kurirondera yitonze kandi abigiranye ubwira. (Luka 15:8) Abanza kudomeka itara kugira mu nzu habone. Hanyuma, aca akubura, yizigiye kwumva aho rishibukiye. Amaherezo ararondera yitonze ahantu hose hinyegeje, gushika aho nya kingorongoro kinyenyeza itara rikirasiyeko. Akigoro uwo mugore yagiranye ubwira ntikabaye impfagusa!

19. Mu bijanye n’ugufasha abacitse intege, ni ivyigwa ibihe dukura ku vyo wa mugore avugwa muri ca kigereranirizo c’ihera ryatakaye yakoze?

19 Nk’uko ibivugwa muri ico kigereranirizo bibitwibutsa, turashobora gushitsa itegeko ryo mu Vyanditswe ridusaba gufasha Umukirisu yacitse intege. Duca tubona kandi yuko bisaba akigoro. Nakare, intumwa Paulo yabwiye abakurambere b’i Efeso ati: “Mu butame nk’ubgo [ni] ko mukwiye gufasha abadakomeye.” (Ivyakozwe 20:35a) Uramenya yuko uwo mugore adatora rya hera mu kuraba ayeyembeza, apfa aho aravye, canke ngo arirondere aronse umwanya. Ahubwo aritora ari uko arondeye yitonze “kugeza ah’aribonera.” N’igihe nyene twihatira kugarura uwacitse intege mu buryo bw’impwemu, dukwiye kubigirana ubwira be n’intumbero. Dushobora gukora iki?

20. Ni igiki gishobora gukorwa kugira umuntu afashe uwacitse intege?

20 Dushobora gute gufasha umuntu yacitse intege gutsimbataza ukwizera n’ugukenguruka? Kumurongorera inyigisho ya Bibiliya mu gisohokayandikiro ca gikirisu kibereye vyoshobora kuba ari co kintu gikenewe. Nkako, kurongora inyigisho ya Bibiliya y’umuntu yahororokewe biratuma tumusahiriza tudahorereza kandi mu buryo bunogangije. Kumbure umucungezi w’umurimo ni we yoshobora kuraba uwotanga nya mfashanyo ikenewe. Yoshobora gutanga inama y’ibiganiro vyoshobora kwigwa be n’igisohokayandikiro coba kirumara. Nk’uko wa mugore avugwa mu kigereranirizo akoresha ibikoresho ngirakimazi kugira arangure igikorwa ciwe, ni ko natwe muri kino gihe dufise ibikoresho bidufasha kurangura ibanga twahawe n’Imana ryo gufasha abacitse intege. Bibiri muri ivyo bikoresho bishasha ari vyo bisohokayandikiro bizoba ngirakimazi canecane muri ukwo kwihatira kubafasha. Ivyo bikoresho ni igitabu Senga Imana Yonyene y’Ukuri be n’igitabu Niwiyegereze Yehova.a

21. Gufasha abacitse intege bizanira imihezagiro bose gute?

21 Gufasha abacitse intege bizanira imihezagiro bose. Nyene gufashwa aragira agahimbare ko kuba yasubiye kugiriranira ubumwe n’abagenzi nyakuri. Turagira umunezero uvuye ku mutima ushobora gusa kuzanwa n’ugutanga. (Luka 15:6, 9; Ivyakozwe 20:35b) Ishengero ryose uko riri rirarushiriza kugira igishika uko umwe wese mu barigize yitwararikana urukundo abandi. Ikiruta vyose, biratera iteka ba Bungere bacu batwitwararika ari bo Yehova na Yezu uko icipfuzo cabo co gushigikira abacitse intege kigaragazwa n’abasavyi babo bari kw’isi. (Zaburi 72:12-14; Matayo 11:28-30; 1 Ab’i Korinto 11:1; Abanyefeso 5:1) Ese ukuntu rero ari imvo nziza dufise yo kuguma ‘tugiriranira urukundo’!

[Akajambo k’epfo]

a Vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

Woshobora Kubisigura?

• Ni kubera iki kugaragaza urukundo ari ntahara kuri umwumwe wese muri twebwe?

• Ni kubera iki dukwiye gukunda n’abacitse intege?

• Ni ivyigwa ibihe dukura kuri ca kigereranirizo c’intama yazimiye be na kimwe c’ihera ryatakaye?

• Ni intambwe ngirakimazi izihe dushobora gutera kugira dufashe uwacitse intege?

[Amafoto ku rup. 16, 17]

Mu gufasha abari n’intege nke, turibwiriza, tukaba abengenga be n’abanyabwira

[Ifoto ku rup. 16, 17]

Gufasha abacitse intege bizanira imihezagiro bose

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika