ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 15/4 rup. 28-31
  • Yehova Arababara abantu basanzwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova Arababara abantu basanzwe
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukuntu Imana yitwararika abantu basanzwe
  • Aritwararika abakiri bato
  • Aragufasha ngo witwararike ivyo ukeneye
  • Nukomeze ubucuti ufitaniye na Yehova
  • Yehova Arakubabaye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Uburyo Ushobora Kwiyegereza Imana
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Niwiyegereze umuryango wawe wo mu vy’impwemu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Hoba hari umuntu n’umwe vy’ukuri akwitaho?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 15/4 rup. 28-31

Yehova Arababara abantu basanzwe

TWOBA dutegerezwa kuba abantu b’ibitangaza canke bahambaye mu buryo kanaka kugira ngo tumenywe n’Imana? Uwitwa Abraham Lincoln, uwabaye umukuru w’igihugu agira 16 wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, bivugwa ko yavuze ibi bikurikira: “Umukama ashima abantu basanzwe. Ni co gituma abarema ari benshi”. Benshi bibona ko ari abantu basanzwe ata kintu gihambaye umuntu yobasangana. Kuba umuntu asanzwe bishobora gutanga iciyumviro co kuba “umukene, umuntu ari hanyuma y’abandi”. Muri ubwo buryo nyene, ijambo “basanzwe” ryoshobora kwerekana “ukubura agateka canke ikibanza gihambaye”, “kuba nyarucari” canke mbere “kuba ntahonikora”. None ushima kuba uri kumwe n’abantu bameze gute? Abantu bishira hejuru, b’amanyama, bishima? Ntiwoshima ahubwo kuba uri kumwe n’abantu bifata kigenzi, bicisha bugufi, bifata ruto, bitwararika abandi babikuye ku mutima kandi babigiranye igishika?

Kubera ko ivy’ukuvuna abandi umutima n’ugucokorana usanga ari ibintu vyeze mw’isi ya kino gihe, bamwebamwe babona ko kwemera yuko Imana ibitwararika bigoye. Hari umusomyi w’iki kinyamakuru yanditse ati: “Navukiye mu muryango warangwamwo urukundo ruke. Baransuzugura, bakanzomera kandi bakantwenga. Ni co gituma kuva mu ntango y’ubuzima bwanje numva ko ata co maze. Ndacafise inyiyumvo zantsimbatayemwo kuva kera zimvuna umutima igihe nshikiwe n’ivyago”. Yamara, hariho imvo zituma twemera ko Imana yitaho abantu basanzwe.

Ukuntu Imana yitwararika abantu basanzwe

Umwami Dawidi yanditse ati: “Uhoraho arahambaye, abereye gushimwa cane: ubukuru bgiwe ntibushobora guserangurika.” (Zaburi 145:3). Ariko rero, ivyo ntibibuza Yehova kutwitwararikana urukundo n’imbabazi (1 Petero 5:7). Nk’akarorero, umwanditsi wa Zaburi yavuze ati: “Uhoraho aba hafi y’abafise imitima imenetse, kand’akiza abafise imitima ijanjaguritse.”​—Zaburi 34:18.

Ibintu bikwegera mw’isi, nk’akarorero ubwiza bwo ku rukoba, icubahiro canke ubutunzi si vyo Imana ibona ko bihambaye. Ivyagezwe Imana yahaye Abisirayeli vyarerekana ukuntu Imana yitwararikana impuhwe abakene, impfuvyi, abapfakazi hamwe n’abanyamahanga. Imana yabwiye Abisirayeli, abari na bo nyene bafashwe bunyamaswa mu Misiri iti: “Umunyamahanga ntimuze mumugirire nabi, canke ngo mumuhahaze . . . Ntihaze hagire umupfakazi cank’impfuvyi mucuranguza. Ni mwagira ico mubacuranguzako na gitoya, bakantakambira, sinzobura kwumviriza ugutakamba kwabo” (Kuvayo 22:21-24). Vyongeye, umumenyeshakazoza Yesaya yaraseruye icizigiro afise c’uko Imana yitwararika umugorwa ati: “Umugorwa wamubereye igihome, wabereye igihome umukene mu vyago vyiwe, ukababera ubgugamo mu gihuhuta, n’igitūtu mu ndugumba, iy’inkūbi y’abantu b’agaterabgoba imeze nk’igihuhuta cisuka ku nzu”.​—Yesaya 25:4.

Biciye mu busuku bwiwe, Yezu Kirisitu we “shusho y’akameremere” k’Imana, yarabereye abigishwa biwe akarorero mu kwitwararika vy’ukuri abantu basanzwe (Abaheburayo 1:3). Yezu abonye ishengero ‘ryari rigowe kandi risabagiye nk’intama zitagira umwungere’, yaciye yumva ‘rimuteye akagongwe’.​—Matayo 9:36.

Raba kandi abantu Yezu yarobanuye ngo bamubere intumwa: ni abantu bavugwa ko “batari barize bakaba n’abantu basanzwe” (Ivyakozwe 4:13, NW). Inyuma y’urupfu rwa Yezu, abayoboke biwe baciye batangura gutera akamo abantu b’ubwoko bwose ngo bumvirize Ijambo ry’Imana. Intumwa Paulo yanditse yuko ‘Uwutizera canke umuntu asanzwe’ yari gushobora kuza mw’ishengero rya gikirisu agacika uwizera (1 Ab’i Korinto 14:24, 25). Aho kugira ngo Imana icagure abantu bashimwa hisunzwe ivyo isi ifatirako, yarobanuye abantu basanzwe benshi ngo babe ari bo bakora igikorwa cayo. Paulo yavuze ati: “Muzirikane ihamagarwa ryanyu, bene Data, yukw ab’ubgenge bg’abantu bāhamagawe atari benshi, abakomeye bāhamagawe atari benshi, abapfasoni bāhamagawe atari benshi. Arikw Imana yatoranije ibipfu vyo mw isi, ngw imāramāze abanyabgenge: kandi yatoranije ibinyantege nke vyo mw isi ngw imāramāze ibikomeye, kandi n’ivyoroshe vyo mw isi, n’ibikēngērwa, mbere n’ibitariho, Imana yarabitoranije ngw ititūre ibiriho: kugira ngo ntihagire umuntu yirata imbere y’Imana.”​—1 Ab’i Korinto 1:26-29.

No muri iki gihe, Imana iratwitwararika bimwe bivuye ku mutima. Imana igomba yuko “abantu bose bakizwa bagashika ku kumenya ivy’ukuri” (1 Timoteyo 2:4). Nimba Imana yarakunze abantu cane gushika n’aho irungika Umwana wayo kw’isi ngo adupfire, nta mvo n’imwe dufise yo kwiyumvamwo yuko tudakundwa canke ko ata co tumaze (Yohana 3:16). Yezu Kirisitu yareretse abayoboke biwe akamaro ko gufata mbere uwo hanyuma y’abandi mu bavukanyi biwe bo mu buryo bw’impwemu nk’aho boba bariko bitwararika Yezu ubwiwe. Yavuze ati: “Ko mwabigiriye umwe mur’aba bene Data bari hanyuma y’abandi, ni jewe mwabigiriye.” (Matayo 25:40). Tutarinze kuraba ukuntu isi yotubona, nimba dukunda ukuri, turi n’agaciro kanini mu nyonga z’Imana.

Ukwo ni ko uwitwa Franciscoa, agahungu k’impfuvyi ko muri Berezile, kumvise kamerewe kamaze kugiranira ubucuti n’Imana. Gasigura kati: “Kumenya Yehova n’ishirahamwe ryiwe vyaramfashije gutsinda inyiyumvo z’ukubura amahoro be no kugira isoni. Naramenye ko Yehova yitwararika umwumwe wese muri twebwe”. Kuri Francisco, Yehova yarabaye Umuvyeyi atari umugani.

Aritwararika abakiri bato

Yehova aritwararika vy’ukuri abakiri bato atabafatiye hamwe gusa, ariko umwumwe wese ukwiwe. Ariko ntiwumve, twaba tukiri bato canke dukuze, ntidushaka kwigera twiyumvira ko turi hejuru y’abandi. Yamara, twoshobora kuba dufise ububangukirwe be na kamere Imana ishobora kuzokoresha muri kazoza. Yehova arazi ivyo dukeneye gutunganywamwo n’ivyo dukeneye kumenyerezwamwo kugira ngo dukoreshe mu buryo bushitse ubwo bubangukirwe na kamere dusanganywe. Nk’akarorero, raba inkuru ivugwa muri 1 Samweli ikigabane ca 16. Kubera ko umumenyeshakazoza Samweli yabona ko hariho abandi bantu barushirije gukwiza ibisabwa kugira ngo batorwemwo uwobaye umwami wa Isirayeli, Yehova yarasiguye icatumye atora Dawidi, umuhererezi wa Isayi, ngo azobe umwami wa Isirayeli. Yavuze ati: “Nta co urāba ishusho yiwe, cank’ikirēho ciwe, kuko ntāmushimye [mukuru wa Dawidi]; erega jewe sindāba nk’ukw abantu barāba: kukw abantu barāba ku rukoba gusa, ariko jewe Uhoraho ndāba mu mutima.”​—1 Samweli 16:7.

None muri iki gihe abakiri bato boshobora kwizigira yuko Yehova abitwararika vy’ukuri? Rimbura ivya Ana, umwigeme w’Umunyaberezile. Nk’uko biri no ku rundi rwaruka rwinshi, yaravunywe umutima no kubona ingene ibiturire n’akarenganyo vyimonogoje. Mu nyuma, we n’abo bivukana, se yaciye atangura kuza arabajana mu makoraniro ya gikirisu. Haciye igihe, Ana yaratanguye kwinovora ivyo yariko yiga ku vyerekeye Ijambo ry’Imana. Yaratanguye gusoma Bibiliya n’ibisohokayandikiro vya gikirisu yongera arasenga Yehova Imana. Bukebuke, yaragiraniye ubucuti somambike n’Imana. Asigura ati: “Narakunda kunyonga ikinga ryanje ku musozi wari hafi y’i muhira aho nashobora kwihwereza ikirengazuba ciza utoraba. Narasenga Yehova nkamukengurukira ku buntu bwiwe be n’ubutanzi bwa cane bwiwe, nkagerageza kumuserurira ukuntu ndamukunda. Kumenya Yehova Imana n’imigambi yiwe vyaratumye ngira amahoro mu mutima be n’umutekano”. Woba nawe ugerageza kurondera akanya ko kuzirikana ku kuntu Yehova atwitwararikana urukundo?

Nta woharira ko ukuntu twakuze bishobora kutubera intambamyi mu vyo kugiranira ubucuti somambike na Yehova. Fata nk’akarorero ku witwa Lidia. Igihe yitura se ku vyerekeye ikibazo cari kimuraje ishinga cane, yaramujibije ati: “Urabuze ivyo uvuga”. Naho Lidia yatahura ko se wiwe yashaka yuko yibagira iyo ngorane, yavuze ati: “Kwiga Bibiliya vyarampaye ikintu cose nipfuza, eka mbere n’ibiruta ivyo. Kamere zikwegera za Yehova zatumye ambera umugenzi mwiza kuruta abandi. Ubu ndafise Dawe w’umunyarukundo antahura, uwo nshobora guserurira inyiyumvo zanje be n’ibimpagarika umutima gusumba ibindi. Ndamara amasaha n’ayandi ndiko ndaganirira Umuntu ahambaye kuruta abantu bose kw’isi no mw’ijuru, nizigiye ata gukeka ko anyumviriza”. Ivyanditswe vyo muri Bibiliya, nk’ico mu B’i Filipi 4:6, 7, vyaramufashije kwiyumvamwo yuko Yehova amwitwararikana urukundo. Ico canditswe kivuga ngo: “Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka. Maz’amahoro y’Imana aruta uko yomenywa n’umuntu wese, azoshibamira imitima yanyu n’ivyiyumviro vyanyu muri Kristo Yesu.”

Aragufasha ngo witwararike ivyo ukeneye

Yehova aritwararika abasavyi biwe umwumwe wese ukwiwe akongera akitwararika ishengero ryiwe riri kw’isi yose. Turashobora kwerekana urukundo dukunda Data wa twese wo mw’ijuru mu gufata akanya ko kumuganirira. Ntidukwiye kwigera dufata minenerwe ubucuti dufitaniye na we. Dawidi yama nantaryo yibuka ubucuti afitaniye na Yehova. Yavuze ati: “Uhoraho, nyereka inzira zawe, nyigisha amarango yawe. Undōngōre mu kuri kwawe, unyigishe: kukw ari wewe Mana y’agakiza kanje; ni wewe nirirwa niteze.”​—Zaburi 25:4, 5.

Iciyumviro co kugiranira ubucuti somambike n’Imana gishobora kuba ari gishasha kuri wewe. Ingorane izo ari zo zose woba ufise, urashobora kwama nantaryo wizigira yuko Musumbavyose azoshobora kuzigufasha, mu buryo buhuye n’ivyo agomba (1 Yohana 5:14, 15). Ku bw’ivyo, niwige gutura amasengesho adomako, wisunze uko ivyawe vyifashe be n’ivyo ukeneye.

Akamaro ko kumenya ivyo dukeneye karaserurwa mw’isengesho Umwami Salomo yatuye igihe urusengero rwegurirwa Imana. Yavuze ati: “Inzara ni yatera mu gihugu, cank’ikīza, canke kurumbisha, cank’ururyi rw’agahezambuto, cank’inzige, cank’inzīkira, cank’abansi babo ni babatera bakabaziguza mu gisagara cabo ic’ari co cose; ni haramuka hateye icago ic’ari co cose, cank’indwara, hakagira ūsenga akinginga, naho yoba umuntu umwe cank’abantu bawe bose b’Abisirayeli, umuntu wese ukw azoba yimenyekw indwara yiwe n’umubabaro wiwe, . . . nuk’uz’uvyumve uri mw ijuru . . . uharire, ugenze umuntu wese nk’ukw ameze” (2 Ngoma 6:28-30). Kukaba nkako, ni wewe wenyene ‘uzi indwara yawe n’umubabaro wawe’. Ese ukuntu rero bihambaye kumenya ivyo ukeneye koko be n’ivyo wipfuza. Niwabimenya, “[Yehova] azoguha ivyo umutima wawe ugomba.”​—Zaburi 37:4.

Nukomeze ubucuti ufitaniye na Yehova

Yehova arahimbarwa no kureka abantu basanzwe ngo bagiriranire ubucuti somambike na we. Ijambo ryiwe ridusubiriza umutima mu nda riti: “ Nzobabera So, namwe muzombera abahungu n’abakobga, ni k’Uhoraho ashobora vyose agize.” (2 Ab’i Korinto 6:18). Vy’ukuri, Yehova be n’Umwana wiwe bashaka yuko twororanirwa kandi tukazoronka ubuzima budahera. Ese ukuntu biremesha kumenya ko Yehova azodufasha mu gushitsa amabanga tujejwe mu muryango, ku kazi no mw’ishengero rya gikirisu!

Naho ari ukwo, twese turahangana n’ibihe bigoye. Amagara mabi, ingorane zo mu muryango, agashahara k’inticantikize canke ikindi kintu cose bishobora kudutera umubabaro. Hari aho tutoba tubona ukuntu twovyifatamwo mu gihe c’ibigeragezo canke mu makuba. Imikazo irushiriza kwongerekana, haba mu buryo bw’imbonankubone canke mu buryo butibonekeje, iterwa na wa mureganyi w’umubisha, Shetani wa Mucokoranyi, uwuriko arateza intambara yo mu buryo bw’impwemu abasavyi b’Imana. Ariko rero, hariho umuntu adutahura akongera akadufasha kuzigama ubucuti bwiza dufitaniye na Yehova. Nta wundi atari Yezu Kirisitu mu kibanza ciwe gihambaye mw’ijuru. Dusoma duti: “Umuherezi mukuru dufise, [si] ūdashobora kubabarana natwe mu ntege nke zacu, ariko n’uwageragejwe uburyo bgose nkatwe, yamara we nta caha yakoze. Nuko ni twēgēre intebe y’ubuntu dushize ubgoba, kugira ngo turonke ikigongwe, tubone ubuntu bgo kudutabara mu gihe gikwiye.”​—Abaheburayo 4:15, 16.

Ese ukuntu bidusubiriza umutima mu nda kumenya yuko bidakenewe ko tuba ba rurangiranwa canke abatunzi kugira ngo dutoneshwe n’Imana! N’igihe woba uri mu bihe bigoye, uraba nk’umwanditsi wa Zaburi yasenze avuga ati: “Nd’umugorwa, nd’umukene: yamar’Uhoraho arambabara. Ni wewe mutabazi wanje n’umurokozi wanje.” (Zaburi 31:9-14; 40:17). Nuhere amazinda yuko Yehova akunda abantu bicisha bugufi, abantu basanzwe. Mu vy’ukuri, ‘turashobora kumukorera amaganya yacu yose kubera ko atubabara.’​—1 Petero 5:7.

[Akajambo k’epfo]

a Amazina amwamwe yarahinduwe.

[Amafoto ku rup. 29]

Benshi mu bayoboke ba Yezu ntibari barize vyongeye bari abantu basanzwe

[Ifoto ku rup. 30]

Abakirisu barihatira kugira ukwizera gukomeye

[Amafoto ku rup. 31]

Si ngombwa ngo tube ba rurangiranwa kugira dutoneshwe n’Imana

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika