Ingene bamwebamwe baronse inyishu
ABANTU amamiliyoni barasenga. Bamwebamwe baremera badakeka ko amasengesho yabo yishurwa. Abandi baribaza nimba amasengesho yabo yigera yumvirwa. Abandi na bo bararondera inyishu mugabo ntibariyumvira gutura ibibazo vyabo Imana mw’isengesho.
Bibiliya ivuga Imana y’ukuri ko ari ‘Uwumva ivyo asabwa’ (Zaburi 65:2). Mu gihe usenga, woba uzi neza yuko amasengesho yawe uyatura ya Mana y’ukuri? Amasengesho yawe yoba ari amwe izokwishura?
Abantu benshi bo mu mihingo yose yo kw’isi bishuye ngo egome! Baronse inyishu gute? Ni igiki bize?
Imana ni nde?
Hari umwarimukazi umwe wo muri Portugal yari yarigishijwe n’ababikira be n’abapatiri yagendera ukwizera kwiwe koko. Igihe idini yahindura imico uwo mwarimukazi yari yarigishijwe ko ihambaye hanyuma ikayiheba, vyaramuvuruze umutwe. Gutembera mu bindi bihugu vyatumye amenya uburyo bwo gusenga butandukanye bwo mu Buseruko, aca atangura kwibaza nimba hari Imana imwe y’ukuri. Yari akwiye gusenga gute? Igihe yabaza umupatiri wiwe ibintu vyo muri Bibiliya, nta co yamwishuye ku bibazo vyiwe, bica biramuvuna umutima.
Idini ya gatolika yari yarakwiragije urwandiko mu gisagara uwo mwarimukazi yabamwo, igabisha abanyaparuwase kutaganira n’Ivyabona vya Yehova. Yamara yagumye afise ibibazo. Umusi umwe, igihe Ivyabona badodora ku rugi rwiwe, yarabumvirije, aragaragaza ugushimishwa n’ivyo yumvise. Bwari bwo bwa mbere aganira na bo.
Kugira ngo uwo mugore aronkere inyishu ibibazo vyiwe vyinshi, yaratanguye kwigana Bibiliya na nya Vyabona. Uko indwi yose iheze, yama afise urutonde rurerure rw’ibibazo ashaka kubabaza. Yashaka kumenya izina ry’Imana, kumenya nimba hari Imana y’ukuri imwe gusa, nimba yemera ugukoresha ibishushanyo mu gusenga, n’ibindi vyinshi. Yarabonye ko inyishu zose yahabwa zaba zivuye muri Bibiliya, atari ivyiyumviro vy’umuntu ubwiwe. Gutyo, vyaramutangaje hanyuma araryoherwa n’ivyo yariko ariga. Buhorobuhoro, ibibazo vyiwe vyinshi yagiye arabironkera inyishu. Ubu asenga Yehova mu mpwemu no mu kuri, nk’uko Yezu Kirisitu yavuze yuko “abasenga b’ukuri” ari ko bakwiye gusenga.—Yohana 4:23.
Muri Sri Lanka, hari abagize umuryango umwe bama basomera hamwe Bibiliya badahorereza mugabo ntibaronke inyishu y’ibibazo vyinshi vyari bihambaye kuri bo. Naho bari bakeneye imfashanyo, umupatiri wabo ntiyashoboye kuyibaronsa. Ariko rero, Ivyabona vya Yehova b’abavukanyikazi barabagendeye hanyuma babasigira ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya bibafasha. Mu nyuma, igihe Ivyabona vya Yehova b’abavukanyi baronsa uwo muryango inyishu zimara akanyota ku bibazo vyabo bishingiye ku Vyanditswe, baremeye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya. Ivyo bize muri iyo nyigisho yabo vyarabashimishije cane.
Naho ari ukwo, inyigisho umugore wo muri uwo muryango yari yarigishijwe mw’idini kuva mu bwana, zatumye atabona ko Se wa Yezu Kirisitu ari “Imana yonyene y’ukuri”, nk’uko Yezu ubwiwe yavyivugiye (Yohana 17:1, 3). Yari yarigishijwe yuko Yezu angana na Se, be n’uko ico bita ngo ni ikinyegezwa gikwiye gufatwa uko kiri. Ata buryarya abishizemwo kandi ari n’umwiheburo, yarasenze Yehova akoresheje izina ryiwe, amusaba ngo amwereke Yezu uwo ari we. Yaciye yongera gusuzuma yitonze ivyanditswe bijanye n’ico kintu (Yohana 14:28; 17:21; 1 Ab’i Korinto 8:5, 6). Nk’aho umenga uruhumyi rwo ku maso yiwe rwari rumuvuyeko, ico gihe yaciye abona neza yuko Yehova, Umuremyi w’ijuru n’isi akaba na Se wa Yezu Kirisitu, ari Imana y’ukuri.—Yesaya 42:8; Yeremiya 10:10-12.
Ni kubera iki hari ugucumukura?
Wa mugabo Yobu yaracumukuye bimwe bigera kure. Abana biwe bose barahitanywe n’igihuhusi, maze aca asigara yifumbereje. Yararwaye kandi indwara ibabaza cane yongera arihanganira umukazo uvuye ku bagenzi b’uruhendo. Yobu amaze gushikirwa n’ivyo vyose, yaravuze amajambo ataranga ubwenge (Yobu 6:3). Mugabo Imana yararimbuye ivyo yari arimwo (Yobu 35:15). Yari izi ibiri mu mutima wa Yobu kandi yaramuhaye impanuro yari akeneye. Ni ko igirira n’abantu muri iki gihe.
Muri Mozambike, Castro yari afise imyaka cumi gusa igihe nyina wiwe yapfa. Yaratuntuye cane. Yabajije ati: “Ni kubera iki yapfuye hanyuma akadusiga?” Naho yari yarezwe n’abavyeyi batinya Imana, yumva avurunganiwe ico gihe. Ni igiki cari guhumuriza umuzirikanyi wiwe n’umutima wiwe? Yarahumurijwe no gusoma Bibiliya ntoya iri mu gicicewa hamwe no kuyiganirako na bakuruwe.
Buhorobuhoro, Castro yarashitse aho atahura yuko nyina wiwe atari yapfuye kubera arenganijwe n’Imana, ahubwo ko yari yapfuye kubera agasembwa twarazwe (Abaroma 5:12; 6:23). Umuhango w’izuka Bibiliya itanga waramuhumurije cane kubera ico cizigiro c’izuka catumye yizigira yuko yosubiye kubona nyina wiwe (Yohana 5:28, 29; Ivyakozwe 24:15). Ikibabaje ni uko haciye imyaka ine gusa, se wiwe yaciye apfa. Mugabo ico gihe, Castro ntivyamugoye kwihanganira urupfu rwa se. Muri iki gihe, arakunda Yehova kandi agakoresha ubuzima bwiwe adahemuka mu murimo w’Imana. Umunezero yaronse uribonekeza ku bantu bose bamuzi.
Abantu benshi babuze ababo barahumurizwa na kwa kuri kwa Bibiliya nyene kwahumuriza Castro. Abantu bamwebamwe bashikiwe n’amagume akomeye bivuye ku bikorwa vy’abantu b’ababisha, barabajije nka kumwe kwa Yobu bati: “N’iki gituma abanyakibi babaho?” (Yobu 21:7). Iyo mu vy’ukuri abantu bumvirije ivyo Imana ivuga mw’Ijambo ryayo mu kwishura, baramenya yuko uburyo itunganya ibintu mu vy’ukuri ibigira ku bw’ineza yabo bwite.—2 Petero 3:9.
Barbara, uwarerewe muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ntiyigeze ashikirwa n’amabi aterwa n’intambara. Mugabo yakuriye mw’isi irimwo intambara. Amaraporo y’ivy’ubukazi bw’intambara ni yo yashikirizwa mu makuru ku musi ku musi. Mu gihe yari mu vyigwa kw’ishure, yaratangajwe no kumenya ivyabaye muri kahise, vyagwiriye mu buryo bwasa n’uko umuntu atari yiteze. Ivyo vyaterwa n’iki? Imana yoba yaritaho ivyariko biraba? Barbara yaremera yuko Imana ibaho, mugabo uko yayiyumvamwo ntikwaguma ari kwa kundi.
Ariko rero, uko Barbara yabona ubuzima kwagiye kurahinduka buhorobuhoro kubera ukwifatanya n’Ivyabona vya Yehova. Yarabateze ugutwi yongera arigana na bo Bibiliya. Yaritavye amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami. Mbere yaritavye rimwe mu mahwaniro yabo maninimanini. Vyongeye, igihe yabaza ibibazo, yarabonye yuko Ivyabona batandukanye bamwishura kumwe. Ivyabona bavuga rumwe kubera ivyiyumviro vyabo vyari bishingiye kuri Bibiliya.
Nya Vyabona barerekanye ikimenyamenya co muri Bibiliya c’uko isi iri mu bubasha bwa Shetani wa Mucokoranyi, we mutware wayo be n’uko igaragaza agatima kiwe (Yohana 14:30; 2 Ab’i Korinto 4:4; Abanyefeso 2:1-3; 1 Yohana 5:19). Barasiguye yuko ibintu vyazazanira Barbara vyari vyarabuwe muri Bibiliya (Daniyeli, ikigabane ca 2, c’7 n’ic’8). Imana yarabibuye kubera yuko ifise ubushobozi bwo kubona muri kazoza igihe ihisemwo kubigira. Bimwe muri ivyo bintu, Imana ni yo yatumye bishika. Ibindi na vyo yararetse gusa birashika. Ivyo Vyabona bareretse Barbara yuko Bibiliya ibura kandi ibintu vyiza na bibi vyo mu gihe cacu, ikongera igasigura n’ico bisobanura (Matayo 24:3-14). Baramweretse umuhango w’isi nshasha Bibiliya itanga, iyo si ikazoba yuzuyemwo ukugororoka, ata n’ugucumukura kuyirangwamwo.—2 Petero 3:13; Ivyahishuriwe 21:3, 4.
Buhorobuhoro, Barbara yaratanguye gutahura yuko, naho Yehova Imana atari we atuma abantu bacumukura, ntabuza ko abantu bacumukura mu kubahatira kugamburuka amabwirizwa yiwe igihe bahisemwo kutayagamburuka (Gusubira mu vyagezwe 30:19, 20). Imana yarashizeho intunganyo zituma dushobora kubaho mu gahimbare ibihe bidahera, mugabo ubu iriko iraduha akaryo ko kugaragaza nimba tuzobaho duhuje n’inzira zayo zigororotse (Ivyahishuriwe 14:6, 7). Barbara yaciye yiyemeza kumenya ivyo Imana isaba no kubaho abishitsa. Yarabonye kandi mu Vyabona vya Yehova bwa bwoko bw’urukundo Yezu yavuga ko rworanze abayoboke biwe b’ukuri.—Yohana 13:34, 35.
Na wewe urashobora kwungukira ku ntunganyo zamufashije.
Ubuzima buri n’ico buvuze
Mbere n’ababoneka ko bafise ubuzima bwifashe neza barashobora kurondera inyishu z’ibibazo bibavuruga ubwenge. Nk’akarorero, hari umusore wo mu Bwongereza yitwa Matthew yama yumva ko ashashaye cane kumenya ya Mana y’ukuri be n’intumbero y’ubuzima. Se wiwe yapfuye igihe yari afise imyaka 17. Inyuma y’aho, Matthew yararonse urupapuro rw’umutsindo mu vy’umuziki muri kaminuza. Kuva ico gihe yararushirije gutahura yuko ubuzima bwiwe bwo gukurikirana amaronko ata co bumaze. Yaravuye i muhira aja kuba i Londres, ngaho yaciye aja mu vyo kwihereza ibiyayura umutwe, mu biteramo vyo mw’ijoro, kuragurisha inyenyeri, kuja mu bupfumu no mw’ishure y’ababuda yitwa Zen hamwe no mu yandi mafilozofiya, ivyo vyose akaba yabigira arondera uburyo bwo kubaho bumara akanyota. Yaratakambiye Imana ari mu mwiheburo kugira ngo imufashe kumenya ahari ukuri.
Hashize imisi ibiri, Matthew yarahuye n’umugenzi wa kera aca amusigurira ingorane zitesha umutwe yarimwo. Uwo mugabo yari yariganye n’Ivyabona vya Yehova. Igihe Matthew bamwereka muri 2 Timoteyo 3:1-5, yaratangaye kubona ukuntu Bibiliya isigura neza na neza ibiriko biraba hirya no hino kw’isi. Igihe yasoma ya Nsiguro yo ku musozi, yaramukoze ku mutima (Matayo, ikigabane ca 5-7). Mu ntango, yarijijanye umutima kubera hari ivyo yari yarasomye bivuga nabi Ivyabona vya Yehova, mugabo amaherezo yarafashe ingingo yo kwitaba amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami yari hafi.
Matthew yaranezerewe n’ivyo yumvise, aca atangura kwigana Bibiliya n’umwe mu bakurambere b’ishengero. Ntiyatevye gutahura yuko ivyo yariko ariga ari vyo yahora arondera, ni ukuvuga inyishu ya rya sengesho yari aherutse gutura Imana. Kubera yuko yahevye imigenzo idahimbara Yehova, yaraharonkeye ivyiza. Uko yatsimbataza ugutinya Imana kwiza, ni ko yavyurirwa umutima wo guhuza ubuzima bwiwe n’amabwirizwa y’Imana. Matthew yaramenye yuko ubuzima nk’ubwo buri n’ico buvuze koko.—Umusiguzi 12:13.
Ntivyari vyaranditswe yuko Matthew canke abandi bavuzwe muri iki kiganiro boshitse ku kuronka uburyo bwo kubaho bumara akanyota. Naho ari ukwo, baramenye yuko Yehova Imana afitiye umugambi uranga urukundo abo bose bahitamwo kugamburuka amabwirizwa yiwe banezerewe (Ivyakozwe 10:34, 35). Uwo mugambi urimwo ubuzima budahera mw’isi itagiramwo intambara, indwara n’inzara, eka mbere izoba itakirangwamwo urupfu (Yesaya 2:4; 25:6-8; 33:24; Yohana 3:16). Ivyo vyoba ari vyo wipfuza? Nimba ari vyo wipfuza, urashobora kwiga vyinshi mu bijanye n’ukwubura icotuma ugira ubuzima bumara akanyota, mu kwitaba amakoraniro ashingiye kuri Bibiliya ku Ngoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova. Uratumiwe n’igishika cinshi kuyitaba.
[Ifoto ku rup. 7]
Nusenge Imana ubigiranye ubwira, ukoresha izina ryayo ry’uruharo
[Ifoto ku rup. 7]
Niwigane Bibiliya n’abigisha vy’ukuri ibiri muri yo
[Amafoto ku rup. 7]
Niwitabe amakoraniro ku Ngoro y’Ubwami
[Abo dukesha ifoto ku rup. 4]
Ingenzi: Chad Ehlers/Index Stock Photography