ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 1/6 rup. 31
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Ivyo bijanye
  • Ibikoko
    Be maso!—2015
  • Ibikoko vyoba bija mw’ijuru?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 1/6 rup. 31

Ibibazo vy’abasomyi

Vyoba ari bibi guhohosha igikoko utunze kirwaye canke gishaje cane?

Abantu benshi babona ko ibikoko bitandukanye bituma banezerwa kandi bakaryoherwa. Ibikoko bimwebimwe abantu batunga usanga ari abagenzi babaherekeza iyo baja. Nk’akarorero, imbwa birazwi ko zigamburukira cane ba shebuja zikongera zikabakunda rwose. Ku bw’ivyo, urukundo abantu bashobora gukunda bene ivyo bikoko ni urwumvikana, canecane igikoko bamaze imyaka myinshi batunze.

Ariko rero, ibikoko vyinshi abantu batunga usanga bitabaho igihe kirekire cane. Imbwa zishobora kubaho kuva ku myaka 10 gushika ku myaka 15 canke irenga, cokimwe n’utuyabu, bivanye n’ubwoko bwavyo ubwo ari bwo. Ibikoko abantu batunga iyo bishaje, bishobora kurwara canke kumugara, ivyo bigatuma bene kubitunga bata umutwe, bo bibuka igihe vyari bikiri bito be n’igihe vyari bigikomeye. Mwene ivyo bikoko bimerewe gutyo vyoba ari bibi kubiruhura?

Umukirisu yoshima gukora mu buryo buhuje n’ivyo Imana igomba mu kuntu afata ibikoko. Kubifata bunyamaswa, mu vy’ukuri birateye kubiri n’ivyo Imana igomba kubera yuko Ijambo ryayo rivuga riti: “Umuntu agororotse ababara igitungwa ciwe” (Imigani 12:10). Ariko rero, ivyo ntibisobanura yuko Imana ibona ibikoko nk’uko ibona abantu. Igihe Imana yarema abantu, yarerekanye yuko hariho itandukaniro riboneka hagati yabo n’ibikoko. Nk’akarorero, yarabahaye icizigiro c’ubuzima budahera, mugabo ntiyigeze igiha ibikoko (Abaroma 6:23; 2 Petero 2:12). Kubera yuko ari Umuremyi, arafise uburenganzira bwo kwerekana ubucuti bubereye kuba hagati y’abantu n’ibikoko.

Mw’​Itanguriro 1:28 haratubwira ubwo bucuti ubwo ari bwo. Imana yabwiye ba bantu ba mbere iti: “Mugabe amafi yo mu kiyaga, n’ibiguruka mu kirere, n’ibifise ubugingo vyose bigendagenda kw isi”. No muri Zaburi 8:6-8 havuga hati: ‘Ibintu vyose Imana yabishize musi y’ibirenge vy’umuntu, intama zose n’inka, n’ibikoko vyo mw’ishamba na vyo, n’ibiguruka mu kirere, n’ifi zo mu kiyaga’.

Imana yaratomoye yuko umuntu yokoresheje kandi akica ibikoko mu buryo bubereye. Nk’akarorero, urushato rwavyo rwoshoboye gukoreshwa bwa vyambarwa. Imana kandi yarahaye abantu uruhusha rwo gufungura inyama z’ibikoko inyuma y’umwuzure wo mu gihe ca Nowa, zikaba zari kwuhira imfungurwa z’ivyatsi bari barahawe mu ntango.​—Itanguriro 3:21; 4:4; 9:3.

Ivyo ntibitanga uburenganzira bwo kwicira ubusa ibikoko umuntu ariko yikinira. Mw’​Itanguriro 10:9, Bibiliya idondora Nimurodi ko yari “umuhīgi w’agahebuza”. Mugabo muri uwo murongo nyene havuga ko ivyo vyatumye ‘arwanya Yehova’.

Ku bw’ivyo, naho umuntu aganza ibikoko, ntakwiye gukoresha ubwo bukuru nabi, mugabo akwiye kubukoresha mu buryo buhuye n’ingingo ngenderwako zo mw’Ijambo ry’Imana. Ivyo vyoshobora kuba birimwo kutareka igikoko atunze ngo gicumukure bidakenewe kubera gishaje cane, cakomeretse bimwe bibi, canke kirwaye indwara amaherezo izogihitana. Mu gihe nk’ico, umukirisu ni we afise ibanga ryo gufata ingingo y’ico yokora. Niba afashe ingingo y’uko vyoba biranga imbabazi kutareka ngo igikoko atunze kibandanye gucumukura ata cizigiro na kimwe kiboneka c’uko kizokira, muri ico gihe yoshobora guhitamwo kugihohosha.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika