Abasavyi ba Yehova barafise icizigiro nyakuri
“Amasigarira ya Yakobo azoba mu moko menshi ababere nk’ikime kivuye k’Uhoraho . . . [“atizigira”, “NW”] umuntu”.—MIKA 5:7.
1. Ni gute Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu ari isoko ryo kuruhurirwa?
YEHOVA ni we Muremyi ahambaye w’imvura be n’ikime. Nta co bimaze kwizigira abantu ngo baturonse ikime canke imvura. Umumenyeshakazoza Mika yanditse ati: “Amasigarira ya Yakobo azoba mu moko menshi ababere nk’ikime kivuye k’Uhoraho, nk’urume rutonze ku bgatsi, [atizigira] umuntu, canke ngo [a]tenyenyere abantu” (Mika 5:7). “Amasigarira ya Yakobo” yo mu gihe ca none ni bande? Ni Abisirayeli bo mu buryo bw’impwemu, ni ukuvuga amasigarira ya ‘Isirayeli y’Imana’ (Abagalati 6:16, UB). Ku “moko menshi” yo kw’isi, bameze nk’“ikime kivuye k’Uhoraho” be n’“urume rutonze ku bgatsi” biruhura. Vyemere, abakirisu basizwe bo muri iki gihe ni umuhezagiro uva ku Mana wahawe abantu. Bwa bamamaji b’Ubwami, barakoreshwa na Yehova kugira bashikirize abantu ubutumwa bwiwe bw’icizigiro nyakuri.
2. Ni kubera iki dufise icizigiro nyakuri naho tuba muri iyi si idurumbanye?
2 Ntidukwiye gutangazwa n’uko iyi si itagira icizigiro nyakuri. Uguhungabana kw’ivya politike, ugutituka mu vy’ukwigenza runtu, ubukozi bw’ikibi, ingorane mu vy’ubutunzi, iterabwoba hamwe n’intambara, ibintu nk’ivyo ni vyo twitega mw’isi iganzwa na Shetani wa Mucokoranyi (1 Yohana 5:19). Benshi baratekewe n’ubwoba bw’ico kazoza koba kababikiye. Ariko rero, twebwe abasavyi ba Yehova ntidutekewe n’ubwoba, kubera dufise icizigiro ntakekeranywa ca kazoza. Ni icizigiro nyakuri kubera yuko gishingiye kw’Ijambo ry’Imana. Turizera Yehova be n’Ijambo ryiwe kubera yuko ivyo avuga vyama nantaryo biranguka.
3. (a) Ni kubera iki Yehova yari agiye guhagurukira Isirayeli be n’Ubuyuda akabihana? (b) Ni kubera iki amajambo ya Mika akora no muri iki gihe?
3 Ubuhanuzi bwa Mika bwahumetswe n’Imana buradukomeza kugira ngo tugendere mw’izina rya Yehova kandi buraduha ishimikiro ryo kugira icizigiro nyakuri. Mu kinjana c’umunani B.G.C., igihe Mika yabura ivya kazoza, abasavyi b’Imana bagiraniye na yo isezerano bari barigabuyemwo amahanga abiri, ari yo Isirayeli n’Ubuyuda, kandi bose bariko barirengagiza isezerano ry’Imana. Ivyo vyatumye ubwo bwami uko ari bubiri butituka mu vy’ukwigenza runtu, burahuna mu vyo gusenga kandi burizizirwa n’ivy’uguhahamira amaronko kw’agahomerabunwa. Kubera ivyo, Yehova yarabagabishije yuko yobahagurukiye akabahana. Ego ni ko, ingabisho z’Imana zerekejwe ku bantu bo mu gihe ca Mika. Mugabo uko ibintu vyifashe mu gihe cacu kumeze cane nk’uko ibintu vyari vyifashe mu gihe ca Mika, ku buryo amajambo ya Mika akora no muri iki gihe cacu. Ivyo biraza kwigaragaza uko turimbura ivyiyumviro bikurubikuru bimwebimwe vyo mu bigabane indwi vy’igitabu ca Mika.
Ico uguca ku masonga igitabu ca Mika guhishura
4. Muri Mika ikigabane ca 1 gushika ku ca 3 hatanga ayahe makuru?
4 Nimuze duce ku masonga ibiri muri Mika. Mu kigabane ca 1, Yehova ashira ku kabarore ubugarariji bwa Isirayeli n’ubw’Ubuyuda. Bivuye ku bugarariji bwabo, Isirayeli yosanganguwe, igihano c’Ubuyuda na co kigashika mbere kw’irembo ry’i Yeruzalemu. Ikigabane ca 2 gihishura yuko abatunzi be n’abanyenkomezi bariko barahahaza abanyantege nke be n’abatagira gitabara. Yamara, hariho kandi umuhango uva ku Mana. Abasavyi b’Imana bazotororokanywa mu bumwe. Ikigabane ca 3 kivuga ivy’urubanza Yehova yaciriye indongozi z’ibihugu be n’abamenyeshakazoza bagarariza. Indongozi ziriko zigoreka ubutungane, abamenyeshakazoza na bo bakavuga ibinyoma. Naho ibintu bimeze ukwo, Mika ahabwa ububasha n’impwemu yera kugira ngo atangaze urubanza rwa Yehova ruriko ruraza.
5. Ni iciyumviro nyamukuru ikihe kiri muri Mika ikigabane ca 4 n’ica 5?
5 Ikigabane ca 4 kibura yuko mu misi y’iherezo, amahanga yose yogiye ku musozi ukirurutse wubatsweko ingoro ya Yehova kugira ngo ahigishirizwe na we. Imbere y’ivyo, Ubuyuda bwojanywe inyagano i Babiloni, mugabo Yehova yobubohoje. Ikigabane ca 5 gihishura yuko Mesiya yovukiye i Betelehemu h’i Buyuda. Azoragira abasavyi biwe kandi abakize amahanga abahahaza.
6, 7. Ni ivyiyumviro ibihe bishikirizwa mu kigabane ca 6 n’ica 7 vy’ubuhanuzi bwa Mika?
6 Muri Mika ikigabane ca 6 higana ivyo Yehova yagiriza abasavyi biwe mu buryo bw’imburano. None Yehova yakoze iki catumye abasavyi biwe bagarariza? Nta na kimwe. Ikitoharirwa co, ni uko ivyo asaba bitegereka cane. Ashaka yuko abasavyi biwe batsimbataza ubutungane, ukugira ubuntu be n’ukwifata ruto uko bagendana na we. Aho kubigira, Isirayeli n’Ubuyuda vyakurikiye ingendo y’ubugumutsi, ku bw’ivyo biba ngombwa ko bishikirwa n’ingaruka mbi.
7 Mu kigabane ca nyuma c’ubuhanuzi bwiwe, Mika aranegura ububisha bw’abo mu gihe ciwe. Mugabo ntiyihebura, yiyemeje ‘kurindira’ Yehova (Mika 7:7). Ico gitabu gisozera kivuga amajambo aserura ukwizigira yuko Yehova azogirira ikigongwe abasavyi biwe. Kahise karemeza yuko ivyo Mika yari yizigiye vyashitse. Mu 537 B.G.C., igihe Yehova yari amaze gutoza indero abasavyi biwe, abigiranye ikigongwe yarasubije amasigarira mu gihugu cabo.
8. Wovuga gute mu ncamake ibiri mu gitabu ca Mika?
8 Mbega amakuru meza Yehova ahishura abicishije kuri Mika! Ico gitabu cahumetswe kiratanga uturorero mburizi tw’ukuntu Imana ifata abivugisha ko bayikorera kandi ari ibihemu. Kirabura ibintu biriko birashika muri iki gihe. Kiranatanga impanuro ziva ku Mana z’ingene dukwiye kwigenza muri ibi bihe bigoye kugira ngo dushikame mu cizigiro cacu.
Umukama Segaba Yehova aravumera
9. Dukurikije ibivugwa muri Mika 1:2, Yehova yari araririye gukora iki?
9 Nimuze ubu na ho dusuzume ido n’ido igitabu ca Mika. Muri Mika 1:2, dusoma duti: “Ni mwumve, mwa moko yose mwe; tega amatwi nawe wa si, n’ibiri muri wewe vyose! Umwami Uhoraho n’abe icagiriza canyu, Umwami ari mu rusengero rwiwe rwera”. Iyo uza kuba uriho mu gihe ca Mika, nta nkeka ko ayo majambo aba yarakwegereye ivyiyumviro vyawe. Kukaba nkako, akwegera ivyiyumviro vyacu muri iki gihe kubera yuko Yehova ariko avugira mu rusengero rwiwe rweranda kandi ntabwire gusa Isirayeli n’Ubuyuda, mugabo akabwira abantu aho bari hose. Mu gihe ca Mika, abantu bari bamaze igihe kirekire cane birengagiza Umukama Segaba Yehova. Ivyo vyari bigiye guhinduka. Yehova yari yiyemeje gufata ingingo ruhasha.
10. Ni kubera iki ibivugwa muri Mika 1:2 bihambaye kuri twebwe?
10 No muri iki gihe cacu ni ukwo biri. Mu Vyahishuriwe 14:18-20 harerekana yuko Yehova ariko aravugira kandi mu rusengero rwiwe rweranda. Ubu bwa vuba, agiye gufata ingingo ruhasha, kandi ibintu bihambaye bizosubira guhindisha agashitsi umuryango w’abantu. Ico gihe, ‘inzabibu zuzuye ububisha z’umuzabibu w’isi yose’ zizotererwa mu bwato bunini bw’ukuraka kwa Yehova, ivyo bitume urunkwekwe rw’ibintu rwa Shetani rusangangurwa akagirire.
11. Amajambo yo muri Mika 1:3, 4 asobanura iki?
11 Umviriza ivyo Yehova agiye gukora. Muri Mika 1:3, 4 havuga hati: “Ehe rāba, Uhoraho ahagurutse ava i we, agira amanuke, atambagire ku mpinga z’imisozi yo mw isi. Imisozi izoshongera musi yiwe, n’imyonga isaduke, bibe nk’ishashara ir’imbere y’umuriro, canke nk’amazi arindimuka ku gatembge”. None Yehova yoba azova aho yibera mw’ijuru maze agatambagira butambagire, ku misozi no ku biyaya vyo mu Gihugu c’Isezerano? Oyaye. Ntibikenewe ko abigira. Kugira ngo ivyo agomba biranguke, azokenera gusa kwerekeza ivyiyumviro vyiwe kw’isi. Vyongeye, si igihugu nya gihugu kizoshikirwa n’ivyo bintu vyadondowe, mugabo abakibamwo ni bo bizoshikira. Yehova niyahaguruka, ingaruka zizoba agahomerabunwa ku bantu b’abahemu, nk’aho umengo imisozi yashonze nk’ishashara, n’imyonga igasatagurwa n’ikinyamugigima.
12, 13. Nk’uko bivugwa muri 2 Petero 3:10-12, ni igiki gituma icizigiro cacu kitanyiganyiga?
12 Amajambo y’ubuhanuzi yo muri Mika 1:3, 4 ashobora kukwibutsa ubundi buhanuzi bwahumetswe bubura ibintu vy’agahomerabunwa bizoba kw’isi. Nk’uko bivugwa muri 2 Petero 3:10, intumwa Petero yanditse ati: “Umusi w’Umwami wacu uzoza nk’igisuma, ah’amajuru azovaho, hakaba n’ukwasana guhambaye, ivy’itanguriro vyose bigashongeshwa n’ikibengebenge gikaze, isi n’ibikorwa biri muri yo bigatongoka”. Nk’uko bimeze ku buhanuzi bwa Mika, amajambo ya Petero ntiyerekeza ku majuru nya majuru no kw’isi nya si. Yerekeza ku marushwa ahambaye agiye gushikira uru runkwekwe rw’ibintu rutubaha Imana.
13 Naho ico cago kiriko kiraza, abakirisu barashobora kwizigira ko bazogira kazoza keza, nk’uko nyene na Mika yavyizigiye. Uti gute? Mu gukurikiza impanuro dusanga mu mirongo ikurikirana y’ikete rya Petero. Iyo ntumwa ivuga iti: “Mukwiye kumera mute mu ngeso zera no mu kwubaha Imana, no mu kurereka ukuza kw’umusi w’Imana muwuhahamiye” (2 Petero 3:11,12)! Icizigiro cacu ca kazoza kizoba ntakekeranywa nitwatsimbataza umutima ugamburuka kandi tukaraba neza yuko inyigenzo yacu ari nyeranda be n’uko ubuzima bwacu bwuzuyemwo ibikorwa biranga ukwubaha Imana. Kugira ngo icizigiro cacu kigume kitanyiganyiga, dutegerezwa kandi kwibuka yuko umusi wa Yehova utazobura kuza.
14. Ni kubera iki Abisirayeli n’Abayuda bari bakwiriye guhanwa?
14 Yehova arasigura igituma abasavyi biwe ba kera bakwiriye guhanwa. Muri Mika 1:5 havuga hati: “Ivyo vyose vyatewe n’igicumuro ca Yakobo, n’ivyaha vy’inzu ya Isirayeli. Non’igicumuro ca Yakobo n’iki? Mbega s’i Samariya? Kand’ibitabo vyatabge i Buyuda n’ibiki? S’i Yerusalemu?”. Abisirayeli n’Abayuda ukubaho kwabo bagukesha Yehova. Yamara, baramugararije, kandi ukugarariza kwabo gushika mbere no mu mirwa mikuru yabo ari yo Samariya na Yeruzalemu.
Ibikorwa vy’ububisha vyimonogoza
15, 16. Abantu bo mu gihe ca Mika bagirwa n’ibikorwa vy’ububisha ibihe?
15 Akarorero k’ububisha bw’abo mu gihe ca Mika, karadondorwa bimwe bikomeye muri Mika 2:1, 2, ahagira hati: “Bazobona ibara, abīgerera ivyo kugabitanya, bakīgīra inama zo gukora ibibi bari ku mariri yabo; bgāca bakabikora, kuko bibashobokeye! Bifuza amatongo bakayanyaga, n’amazu bakayikumirako; bagahahaza umuntu n’abo mu nzu yiwe, mber’umuntu bamuhahazanya n’ishamvu yiwe”.
16 Abantu b’abanyamwina barara rubunda bariko barunga imigambi y’ingene bonyaga imirima y’ababanyi babo be n’amazu yabo. Mu gitondo, barihutira gushitsa imigambi bapfunditse. Iyo bibuka isezerano bagiranye na Yehova, ntibari gukora mwene ivyo bikorwa bibi. Ivyagezwe vya Musa birimwo intunganyo zikingira umukene. Mu gihe c’ivyo Vyagezwe, nta rugo na rumwe rwari rukwiye gutakaza ishamvu rwari rwatoranye bwegu. Ariko rero, ivyo nta co bibwiye nya bantu b’abanyamwina. Barirengagiza amajambo yo mu Balewi 19:18 avuga ati: “Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda”.
17. Ni ibiki bishobora gushika igihe abivugisha ko bakorera Imana bashize ivy’amaronko mu kibanza ca mbere mu buzima?
17 Ivyo birerekana ibishobora gushika igihe abantu bivugisha ko bakorera Imana bibagiye intumbero zo mu vy’impwemu maze bakabanza kwironderera amaronko. Paulo yagabishije abakirisu bo mu gihe ciwe ati: “Abagomba kuba abatunzi bagwa mu nyosha no mu mutego no mu kwifuza kwinshi kw’ubupfu gusinzikaza, kudobeza abantu mu bibonona bikabarandura” (1 Timoteyo 6:9). Igihe umuntu ukuronka amahera abigize yo ntumbero nyamukuru mu buzima, mu vy’ukuri aba ariko asenga imana y’ikinyoma, ni ukuvuga Itunga. Iyo mana y’ikinyoma ntitanga icizigiro nyakuri ca kazoza.—Matayo 6:24.
18. Ni ibiki vyari bigiye gushikira abahahamira amaronko bo mu gihe ca Mika?
18 Benshi mu bo mu gihe ca Mika barize icigwa barinze gucumukura c’uko kwiheka ku maronko ata co bimaze na gato. Nk’uko biri muri Mika 2:4, Yehova avuga ati: “Uwo musi muzoba iciro ry’imigani, mucure intimba, muti Biracitse! Turageseye! Umugabane w’ubgoko bgacu yawuhaye abandi, arawutunyaze! Amatongo yacu yayagabanganije [“abatizera”, NW]”! Ego cane, abo basuma b’amazu n’imirima bazotakaza intoranwa y’umuryango wabo bwite. Bazojanwa mu gihugu co mu mahanga, maze amatungo acike iminyago y’“abatizera”, ari bo banyamahanga. Ivyizigiro vyose vyo kugira kazoza gakayangana bizozimangana.
19, 20. Vyagendeye gute Abayuda bizigiye Yehova?
19 Ariko rero, abizigira Yehova ntibazotaha zirayoye. Yehova ntahemuka kw’isezerano yagiranye na Aburahamu n’iryo yagiranye na Dawidi, kandi aragirira ikigongwe abameze nka Mika, bamukunda kandi bagatuntuzwa n’uko bagenzi babo batandukanye n’Imana. Igihe Imana yashinze nicagera, izosubiza ibintu mu buryo ku neza y’abagororotsi.
20 Ivyo bishika mu 537 B.G.C., aho Babiloni igwiriye maze amasigarira y’Abayuda agasubira iwabo. Muri ico gihe, amajambo ya Mika 2:12 aba agize iranguka rya mbere. Yehova avuga ati: “Ewe Yakobo! Sinzobura gukoraniriza abawe bose hamwe, kandi sinzobura kwegeranya amasigarira y’Abisirayeli; nzobakumakumira [mu bu]mwe nk’intama [“ziri mu ruhongore; bazoyogoramwo abagabo”, NW] nk’umukuku uri mwinshi mu canya cawo”. Ese ukuntu Yehova ari umunyarukundo! Inyuma yo guhana abasavyi biwe, yararetse amasigarira arasubira i muhira maze aramusukurira mu gihugu yahaye ba sekuruza babo.
Isano ryibonekeje bifitaniye n’igihe cacu
21. Ukuntu ibintu vyifashe muri iki gihe bimeze gute ubigereranije n’uko vyari vyifashe mu gihe ca Mika?
21 Uko twarimbura ibigabane bibiri bitangura igitabu ca Mika, woba wakozwe ku mutima n’ingene ibintu nk’ivyo nyene biriho muri iki gihe? Nk’uko vyari mu gihe ca Mika, benshi muri iki gihe barivugisha yuko basukurira Imana. Yamara, nka kumwe kw’Ubuyuda na Isirayeli, buzuyemwo amacakubiri, mbere n’ukurwana bararwana hagati muri bo. Benshi mu batunzi bo mu biyita abakirisu barahahaje abakene. Indongozi z’amadini ziguma zirushiriza kurenza uruho rw’amazi ku ngeso Bibiliya yihanikiriza mu buryo butomoye. Ntibitangaje kuba abiyita abakirisu bagiye gukurwaho ubu bwa vuba, hamwe n’imice yindi yo muri ‘Babiloni Hahambaye’, ya nganji y’isi yose y’idini y’ikinyoma (Ivyahishuriwe 18:1-5)! Ariko rero, nk’uko vyagenze mu gihe ca Mika, Yehova azoba afise kw’isi amasigarira y’abasuku b’abizerwa.
22. Ni imigwi ibiri iyihe yashize icizigiro cayo ku Bwami bw’Imana?
22 Mu 1919, abakirisu b’intahemuka basizwe baravavanuye n’abiyita abakirisu maze batangura kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami ku mahanga yose (Matayo 24:14). Ubwa mbere na mbere, barondeye amasigarira ya Isirayeli yo mu vy’impwemu. Maze “izindi ntama” batangura gutororokanywa, iyo migwi uko ari ibiri ica icika “umukuku umwe [ufise] umwungere umwe” (Yohana 10:16). Naho ubu bakorera Imana mu bihugu 234, abo basavyi ba Yehova b’abizerwa bose vy’ukuri barakumakumiwe ‘mu bumwe’. Gushika ubu, rwa ruhongore rw’intama ‘ruyogoramwo abagabo’, hamwe n’abagore n’abana. Ntibizigira uru runkwekwe rw’ibintu, mugabo bizigira Ubwami bw’Imana bwo bugira busubize iparadizo kw’isi.
23. Ni kubera iki ushwirutse yuko icizigiro cawe ari ntakekeranywa?
23 Ku vyerekeye abasavyi ba Yehova b’abizerwa, umurongo wa nyuma wa Mika ikigabane ca 2 ugira uti: “Umwami wabo yabagiye imbere, Uhoraho ni we yabarōngōra”. Wewe ubwawe woba ubona uri muri urwo rugendo rw’intsinzi, ukurikiye Umwami wawe Yezu Kirisitu, Yehova ubwiwe akaba ari imbere? Nimba ari uko biri, urashobora gushwiruka yuko intsinzi atari umugani be n’uko icizigiro cawe ari ntakekeranywa. Ivyo biraza mbere kurushiriza kwibonekeza uko turimbura ibindi vyiyumviro dusanga mu buhanuzi bwa Mika.
Wokwishura gute?
• Mu gihe ca Mika, ni kubera iki Yehova yafashe ingingo yo guhagurukira Ubuyuda na Isirayeli akabihana?
• Ni ibiki bishobora gushika igihe abivugisha ko bakorera Imana bashize ivy’amaronko mu kibanza ca mbere mu buzima?
• Umaze kurimbura Mika ikigabane ca 1 n’ica 2, ni kubera iki washwirutse yuko icizigiro cawe ari ntakekeranywa?
[Ifoto ku rup. 9]
Ubuhanuzi bwa Mika burashobora kudukomeza mu buryo bw’impwemu
[Amafoto ku rup. 10]
Nka kumwe kw’amasigarira y’Abayuda mu 537 B.G.C., Abisirayeli bo mu buryo bw’impwemu be na bagenzi babo bararemesha ugusenga kw’ukuri