Woba uha agaciro abo musangiye ukwizera bageze mu zabukuru?
IGIHE abantu bo muri Isirayeli ya kera bari bunze ubucuti n’Imana bushingiye kw’isezerano, bategetswe bati: “Umuntu wese muri mwebge az’avire hasi ūmaze kuyenzura imvi, yubahe umutāma, antinye, jewe Imana yiwe” (Abalewi 19:32). Kubera ico, kwubaha abageze mu zabukuru, cari igikorwa ceranda, gifitaniye isano no kugamburukira Imana. Naho muri iki gihe abakirisu batakigengwa n’Ivyagezwe vya Musa, biratwibutsa yuko Yehova aha agaciro abageze mu zabukuru bamusukurira (Imigani 16:31; Abaheburayo 7:18). Twoba tubabona nk’uko Yehova ababona? Twoba duha agaciro abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bakirisu bageze mu zabukuru?
Yaraha agaciro umugenzi wiwe ageze mu zabukuru
Inkuru imwe yo muri Bibiliya ishira ahabona ukwubaha abageze mu zabukuru, tuyisanga mu gitabu c’Abami ba Kabiri. Kiradondora ukuntu umumenyeshakazoza Eliya yasubiriwe n’umumenyeshakazoza mutoyi kuri we yitwa Elisa. Rimbura ivyabaye ku musi wa nyuma wa Eliya wo kuba ari umumenyeshakazoza muri bwa bwami bwa Isirayeli bugizwe n’imiryango cumi.
Uwo musi, uwo mumenyeshakazoza ageze mu zabukuru Yehova yamubwiye gufata urugendo rumukura i Gilugali gushika i Beteli, akongera akava i Beteli gushika i Yeriko hanyuma akava i Yeriko agashika ku Ruzi Yorodani (2 Abami 2:1, 2, 4, 6). Mu gihe c’urwo rugendo rw’ibilometero bishika nko ku 50, Eliya yahimirije incuro zitatu Elisa kureka kumukurikira. Ariko rero, nk’uko wa mugore akiri muto Rusi hari haciye ibinjana yanse ubutisubirako guheba Nawomi, ni ko na Elisa yanse guheba uwo mumenyeshakazoza ageze mu zabukuru (Rusi 1:16, 17). Elisa yavuze incuro zitatu ati: “Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene ndakurahiye, sintandukana nawe” (2 Abami 2:2, 4, 6). Ico gihe, Elisa yari amaze imyaka ishika nko kuri itandatu afasha Eliya. Yamara, yari afise icipfuzo co gusukurira Eliya igihe kirekire gishoboka. Nkako, iyo nkuru yongerako iti: “Hanyuma bakiriko baragenda bayāga, bagize bartya, . . . Eliya a[ra]dūganwa” (Umurongo wa 11). Eliya na Elisa barayaze gushika ku munuta wa nyuma w’ubusuku bwa Eliya muri Isirayeli. Biboneka ko uwo mumenyeshakazoza akiri muto yari ashashaye kuronka inyigisho be n’indemesho vyinshi bishoboka abikuye kuri uwo mumenyeshakazoza ageze mu zabukuru kandi azi utuntu n’utundi. Biragaragara yuko yaha agaciro uwo mugenzi wiwe ageze mu zabukuru.
‘Nka ba dawe na ba mawe’
Ntibigoye kubona igituma Elisa yakunda uwo mumenyeshakazoza ageze mu zabukuru bwa mugenzi wiwe, mbere akamufata nka se mu buryo bw’impwemu (2 Abami 2:12). Gatoyi imbere y’uko igikorwa ca Eliya kirangira muri Isirayeli, yabwiye Elisa ati: “Nsaba ico ugomba ko ndagukorera, ntaratandukanywa nawe” (Umurongo wa 9). Gushika ku munuta wa nyuma rero, Eliya yarerekanye ko arajwe ishinga n’ukumererwa neza mu vy’impwemu kw’uwari agiye kumusubirira hamwe n’uko igikorwa c’Imana cobandanya.
Muri iki gihe, bireza umutima kubona hariho mwene ukwo kwitwararika mu buryo bwa kivyeyi mu bavukanyi n’abavukanyikazi bacu bakirisu bageze mu zabukuru, uko basangira n’abakiri bato ubumenyi be n’ubukerebutsi bafise, bakabigira batiziganya. Nk’akarorero, abakora bavyishakiye bamaze igihe kirekire basukurira ku biro vy’amashami vy’Ivyabona vya Yehova, barafasha n’umutima ukunze abashasha bo mu muryango wa Beteli kuronka ubuhanga bakeneye kugira ngo barangure umurimo wabo. Muri ubwo buryo nyene, abacungezi b’ingenzi bamaze imyaka myinshi bagendera amashengero bari kumwe n’abakenyezi babo, babigiranye umunezero, barasangira ibintu vyinshi biboneye n’abariko baramenyerezwa kugira ngo babe abasuku b’ingenzi. Vyongeye, mu mashengero y’Ivyabona vya Yehova ari hirya no hino kw’isi, harimwo abavukanyi n’abavukanyikazi bageze mu zabukuru bamaze imyaka mirongo basukurira Yehova ari abizerwa, basangira n’abashasha bo mw’ishengero ubukerebutsi ngirakimazi bafise be n’ivyo biboneye, ivyo bakabigira banezerewe.—Imigani 2:7; Ab’i Filipi 3:17; Tito 2:3-5.
Ubwitwararitsi buvuye ku mutima bugaragazwa n’abo bakirisu bakundwa bageze mu zabukuru, butuma ukwubaha abasaza nk’abo biba mu vy’ukuri ikintu gihimbaye. Kubera ico, dushaka kwigana akarorero ka Elisa mu guha agaciro kanini abo dusangiye ukwizera bageze mu zabukuru. Nk’uko intumwa Paulo abitwibutsa, nimuze tubandanye gufata ‘umutama nka dawe’ n’‘abatamakazi nka ba mawe’ (1 Timoteyo 5:1, 2). Tubigenjeje gutyo, tuba dufashije cane mu vyo gutuma ishengero rya gikirisu ryo kw’isi yose rikora neza, tukaba dufashije no mu vyo gutuma ritera imbere.
[Ifoto ku rup. 30]
Elisa yari afise icipfuzo co gusukurira Eliya igihe kirekire gishoboka
[Amafoto ku rup. 31]
Abakiri bato barungukira cane ku bakirisu bageze mu zabukuru