ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 15/10 rup. 13-17
  • Ubumenyi bwanyu mubwongereko ukwigumya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubumenyi bwanyu mubwongereko ukwigumya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukwigumya kurigwa
  • Bamwebamwe bararwana urugamba rudasanzwe
  • Ukwigumya mu mubano w’ababiranye
  • Mubandanye gufashanya
  • Kugira ngo utsindire agashimwe, nugaragaze ukwigumya!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Nube umuntu yigumya
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Ukwigumya​—Ni ntahara kugira twemerwe na Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Kwigumya
    Be maso!—2019
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 15/10 rup. 13-17

Ubumenyi bwanyu mubwongereko ukwigumya

‘Ubumenyi bwanyu mubwongereko ukwigumya’.​—2 PETERO 1:5-8.

1. Ingorane nyinshi abantu bafise ziterwa n’uko badashoboye iki?

MU GIHE c’isekeza rikomeye ry’ukurwanya ibiyayura umutwe ryagizwe, abakiri bato muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bakebuwe bati: “Vuga gusa ngo Oya”. Ese ukuntu ibintu vyorushirije kumera neza, iyaba umuntu wese avuga ngo oya, atari gusa ku biyayura umutwe, ariko kandi no ku kaborerwe, ku buzima burimwo ingeramizi canke burangwa ubushegabo, ku vy’ubucuruzi birimwo ubugunge be no ku ‘vyipfuzo vy’umubiri’ (Abaroma 13:14)! Yamara, ni nde yokwivugisha yuko kuvuga ngo oya vyama nantaryo vyoroshe?

2. (a) Ni uburorero bwo muri Bibiliya ubuhe bwerekana yuko ingorane yo kuvuga ngo oya atari iy’ubu? (b) Ubwo burorero bukwiye kuturemesha gukora iki?

2 Kubera yuko abantu bose b’abanyagasembwa bafise ingorane yo kugaragaza ukwigumya, turakwiye kwitwararika kumenya ukuntu twotsinda urugamba urwo ari rwo rwose turwana. Bibiliya iratubwira ivy’abantu bo mu gihe ca kera bihatiye gusukurira Imana mugabo rimwe na rimwe bakagira ingorane yo kuvuga gusa ngo oya. Niwibuke Dawidi be n’icaha c’ubusambanyi yakoranye na Batisheba. Catumye umwana wabo yavutse muri ubwo busambanyi be n’umugabo wa Batisheba bapfa, bompi bakaba bapfuye ata co bazira (2 Samweli 11:1-27; 12:15-18). Canke niwiyumvire ivy’intumwa Paulo, uwiyemereye ata kurya umunwa ati: “Kukw iciza ngomba atari co nkora, arikw ikibi ntagomba akaba ari co nkora” (Abaroma 7:19). Woba rimwe na rimwe wumva utamerewe neza nk’ukwo kwa Paulo? Paulo yabandanije ati: “Nnezererwa ivyagezwe n’Imana mu mutima wanje, ariko mbona ikindi kingera kiri mu mubiri wanje kirwanya ikingera co mu mutima wanje, kikamfatira mpiri kuganzwa n’ikingera kiri mu mubiri wanje, ikingera c’icaha. Ewe jewe ndagowe! Ni nde yonkiza umubiri untera uru rupfu?” (Abaroma 7:22-24). Uburorero bwo muri Bibiliya bukwiye gukomeza umwiyemezo dufise wo kutigera duteshwa ngo dute mu rugamba turwana rwo kurushiriza kwigumya.

Ukwigumya kurigwa

3. Sigura igituma tutokwitega yuko kugaragaza ukwigumya biba ivyoroshe.

3 Ukwigumya, ukurimwo ubushobozi bwo kuvuga ngo oya, kuravugwa muri 2 Petero 1:5-7, hamwe n’ukwizera, ingeso nziza, ubumenyi, ukwihangana, ukwubaha Imana, igishika ca kivukanyi be n’urukundo. Nta n’imwe muri izo kamere umuntu avukana ijana kw’ijana. Ategerezwa kuzitsimbataza. Kugira ngo umuntu azigaragaze ku rugero runini, bisaba umwiyemezo n’akigoro. Twoba none dukwiye kwitega yuko kwigumya biba ivyoroshe?

4. Ni kubera iki abantu benshi bumva ko ata ngorane bafise mu bijanye n’ukwigumya, mugabo ivyo vyerekana iki?

4 Ni vyo, abantu amamiliyoni bashobora kwumva ko ata ngorane bafise mu bijanye n’ukwigumya. Babaho uko bishakiye, babizi canke batabizi, bakigenza nk’uko umubiri wabo munyagasembwa ubategeka, ntibiteho inkurikizi bigira, haba kuri bo canke ku bandi (Yuda 10). Kuba abantu badashoboye kuvuga ngo oya kandi ntibashake no kubivuga biribonekeza muri iki gihe kuruta ikindi gihe ico ari co cose. Ni icerekana yuko tubayeho koko mu “misi y’iherezo”, iyo Paulo yavuze igihe yabura ati: “Hazoza ibihe bigoye. Kukw abantu bazoba bikunda gusa, bakunda amahera, bīrārīra, bībona, batukana, . . . [batigumya]”.​—2 Timoteyo 3:1-3.

5. Ni kubera iki Ivyabona vya Yehova bitwararika ivyerekeye ukwigumya, kandi ni impanuro iyihe igikora?

5 Ivyabona vya Yehova barabona neza ingorane ihaba igihe umuntu akeneye kugaragaza ukwigumya. Nka kumwe kwa Paulo, barazi neza yuko hari urugamba hagati y’icipfuzo co guhimbara Imana mu kubaho bisunga ingingo mfatirwako zayo be n’ingendo umubiri wabo munyagasembwa ushobora kubahatira gukurikirana. Ku bw’ivyo, baramaze igihe kirekire bitwararika ukuntu botsinda urwo rugamba. Mu 1916, hari imwe mu nomero zo mu ntango z’iki kinyamakuru uriko urasoma yavuze ivyerekeye “ingendo ibereye twokurikira kugira ngo twirinde ubwacu, turinde ivyiyumviro vyacu, twirinde mu vyo tuvuga no mu buryo twigenza”. Iyo nomero yatugiriye inama yo kugumiza mu muzirikanyi Ab’i Filipi 4:8. Impanuro iva ku Mana yo muri ico canditswe iracakora, naho haciye nk’imyaka 2.000 itanzwe kandi ikaba kumbure igoye gukurikiza ubu kuruta uko vyari biri muri ico gihe canke mu 1916. Naho ari ukwo, abakirisu barihatira uko bashoboye kwose kuvuga ngo oya ku vyipfuzo vy’ino si, bazi yuko babigize gutyo, baba bariko baravuga ngo ego ku Muremyi wabo.

6. Ni kubera iki ata mvo dufise yotuma twihebura igihe dutsimbataza ukwigumya?

6 Ukwigumya kuvugwa mu B’i Galatiya 5:22, 23 ko ari kimwe mu “vyamwa vy’impwemu [yera]” (NW). Tugaragaje iyo kamere hamwe n’“urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana, kugira neza, ku[mera neza], [ukwizera be n’]ubugwaneza”, tuzohungukira cane. Kubigira gutyo, bizoturinda kuba “abanyabute cank’ingumba” mu murimo turangurira Imana nk’uko Petero yabisiguye (2 Petero 1:8). Mugabo ntidukwiye kwihebura canke ngo twiyagirize igihe tunaniwe kugaragaza izo kamere ningoga na ningoga kandi bimwe vyuzuye nk’uko twavyipfuza. Ushobora kumbure kuba warabonye yuko mw’ishure, umunyeshure umwe anyaruka gufata ivyo yigishwa kurusha uwundi, canke ko ku kazi, umukozi umwe anyaruka kumenya igikorwa gishasha kuruta abo bakorana. Mu buryo nk’ubwo nyene, bamwebamwe baranyaruka kwiga no kugaragaza kamere za gikirisu kuruta abandi. Ikintu gihambaye, ni ukuguma dutsimbataza kamere zishimwa n’Imana uko dushoboye kwose. Ivyo dushobora kubigira mu kwungukira bimwe vyuzuye ku mfashanyo Yehova atanga abicishije kw’Ijambo ryiwe no kw’ishengero ryiwe. Kunyaruka gushitsa ihangiro ryacu si vyo bihambaye, igihambaye ni ukugira utwigoro tutanyiganyiga two kuguma dutera imbere.

7. Ni igiki cerekana yuko ukwigumya guhambaye?

7 Naho kamere yo kwigumya iza ubwa nyuma mu rutonde rwa kamere impwemu yama, si ukuvuga yuko iri munsi y’izindi. Habe namba. Dukwiye kugumiza mu muzirikanyi yuko “ibikorwa vy’akameremere” vyose twoshobora kuvyirinda hamwe twoba dufise ukwigumya kutagira agahaze. Yamara, abantu b’abanyagasembwa usanga bakunda gutwarwa na bimwebimwe mu “bikorwa vy’akameremere . . . : ubushakanyi, ibihumanya, ivy’isoni nke, gusenga ibigirwamana, uburozi, ubgansi, intonganya, ishari, uburake, ikēba, kwitandukanya, ibice” (Ab’i Galatiya 5:19, 20). Dutegerezwa rero kuguma turwana urugamba, tukiyemeza kurandurana n’imizi impengamiro mbi ziri mu mutima no mu muzirikanyi.

Bamwebamwe bararwana urugamba rudasanzwe

8. Ni ibintu ibihe bituma bamwebamwe bibagora bimwe bidasanzwe kugaragaza ukwigumya?

8 Abakirisu bamwebamwe birabagora cane kugaragaza ukwigumya kurusha abandi. Kubera iki? Ukumenyerezwa umuntu yahawe n’abavyeyi canke ibintu aba yaraciyemwo vyoshobora kugira ico biterereye kuri ivyo. Nimba gutsimbataza ukwigumya no kukugaragaza vyamye bisa n’uko ata ngorane biduteza, iyo ni imvo yotuma tunezerwa. Mugabo, dukwiye vy’ukuri kuba abanyembabazi tukaba n’abantu batahura igihe tuyaga n’abantu bigora cane kugaragaza ukwigumya, mbere naho ukuba bakubuze bituma twumva tutamerewe neza. Uravye agasembwa ubwacu dufise, ni nde muri twebwe afise imvo n’imwe yo kwiyerekana ko ari umugororotsi?​—Abaroma 3:23; Abanyefeso 4:2.

9. Ni ubugoyagoye ubuhe bamwebamwe bafise, kandi ni ryari bazotsinda buhere ubwo bugoyagoye?

9 Tubitangire akarorero: Hari aho twoba tuzi yuko abakirisu bagenzi bacu bamwebamwe bahevye kunywa itabi canke gufata “ibiyayura umutwe” bashobora rimwe na rimwe kuba bakivyipfuza cane. Canke bamwe basanga ari urugamba kwigerera mu bifungurwa canke mu binyobwa vy’ubugasari. Abandi usanga bafise ingorane yo kurinda ururimi rwabo, ku buryo bw’uko bama batsitaye mu vyo bavuga. Kunyinyana n’utwo tunenge bisaba akigoro kagiranywe ubwira mu gutsimbataza ukwigumya. Kubera iki? Muri Yakobo 3:2 havuga ata kwibesha hati: “Twese dutsitara muri vyinshi. Umuntu wese adatsitara mu vy’avuga, aba ar’umuntu atunganye rwose, ashobora no kuganza umubiri wiwe wose”. Hari n’abandi bumva bagifise icipfuzo gikomeye co gukina akamari. Canke bashobora gusanga bibagora gucungera uburyo bavyifatamwo imbere y’ibintu kanaka. Vyoshobora gufata umwanya kugira ngo umuntu ahangane n’ubwo bugoyagoye be n’ubundi bumeze nka bwo akererwa. Naho ubu dushobora kugira iterambere riboneka, ivyipfuzo bibi bizorandurwa buhere igihe gusa tuzoba twashikiriye ukutagira agasembwa. Mu kurindira, kwihatira kugaragaza ukwigumya bizodufasha kwirinda gusubira kugwa mu ngendo y’ubuzima y’icaha. Uko tubandanya kurwana urugamba, nimuze dufashanye kugira ngo ntiduteshwe ngo dute.​—Ivyakozwe 14:21, 22.

10. (a) Ni kubera iki kugira ukwigumya mu bijanye n’inambu y’umubiri usanga ari ingorane kuri bamwebamwe? (b) Ni ihinduka rikomeye irihe umuvukanyi umwe yagize (Raba uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 16.)?

10 Ahandi hantu usanga bamwebamwe bibagora kugira ukwigumya ni mu bijanye n’inambu y’umubiri. Icipfuzo kiri mu muntu c’ukwimara inambu y’umubiri ubwaco, ni umuce umwe w’ukuntu Yehova Imana yaturemye. Yamara, bamwebamwe usanga bibagora cane kugumiza inambu y’umubiri mu kibanza kibereye, mu buryo buhuje n’ingingo mfatirwako z’Imana. Ingorane yabo yoshobora kwunyuka kubera yuko bafise icipfuzo gikomeye mu buryo budasanzwe co kwimara inambu y’umubiri. Tubayeho mw’isi yatwawe umutima n’ivy’igitsina iguma irondera kwongereza ivyo vyipfuzo mu buryo bwinshi. Ivyo birashobora kuvyura ingorane ku bakirisu bashaka kuguma ari abirebange n’imiburiburi mu kiringo kinaka, kugira ngo bakorere Imana bidegemvya badasamazwa n’ivy’umubano (1 Ab’i Korinto 7:32, 33, 37, 38). Mugabo, mu buryo buhuje n’inkeburo yo mu Vyanditswe ivuga yuko “kwābīrana ari kwiza, kuruta gushuha”, boshobora guhitamwo kwubaka izabo, na co kikaba ari ikintu giteye iteka. No muri ico gihe babihisemwo, biyemeza kwubaka ‘mu Mwami gusa’, nk’uko Ivyanditswe bihanura (1 Ab’i Korinto 7:9, 39). Turashobora kwemera tudakeka yuko Yehova anezerezwa n’uko bitwararika kwumira ku ngingo ngenderwako ziwe zigororotse. Abakirisu bagenzi babo babona yuko ari umunezero kwifatanya n’abambaji b’ukuri bafise ingingo mfatirwako zijanye n’inyifato runtu ziri hejuru nk’izo be n’ukutadohoka nk’ukwo.

11. Dushobora gute gufasha umuvukanyi canke umuvukanyikazi ashaka kwubaka mugabo bikaba bitaramushobokera?

11 Bite ho hamwe umuntu ataronse uwo bokwubakana abereye? Ibaze umubabaro umuntu ashobora kugira igihe yipfuza kwubaka urwiwe mugabo bikaba bitaramushobokera! Ashobora kuba abona abagenzi biwe bubaka izabo kandi bakaba bafise ubuhirwe ku rugero runaka, mu gihe we akiriko ararondera uwo bazokwubakana abereye. Ku bantu bamwebamwe ivyabo vyifashe gutyo, akamenyero kabi ko kwimara inambu y’umubiri umuntu ari wenyene koshobora kuba ingorane idahera. Uko biri kwose, nta mukirisu yipfuza kuvuna umutima n’ibigirankana uwundi ariko arwana urugamba rwo kuguma adahumanye. Twoshobora guca intege abandi tutabishaka hamwe twovuga amajambo tutabanje kwiyumvira nk’aya ngo: “Uzokwubaka urwawe ryari?”. Ivyo umuntu ashobora kubivuga ata mutima mubi abigiranye, mugabo ese ukuntu birushiriza kuba vyiza ko tugira ukwigumya mu bijanye no kurinda ururimi rwacu (Zaburi 39:1)! Abo muri twebwe baguma batyoroye mu gihe bakiri abirebange birakwiriye ko tubakeza n’igishika cinshi. Aho kuvuga ivyohava bibaca intege, twoshobora kugerageza kubaremesha. Nk’akarorero, twoshobora kugira akigoro ko gushiramwo abakirisu b’abirebange igihe hari umugwi mutoyi w’abakirisu bahumuye bagiye hamwe kugira bafungure canke ngo banezererwe hamwe mu buryo bwiza.

Ukwigumya mu mubano w’ababiranye

12. Ni kubera iki n’abubatse nyene bakeneye ukwigumya kwo ku rugero runaka?

12 Kuba umuntu yubatse ntibica bituma ataba agikeneye kwigumya mu bijanye n’ukwimara inambu y’umubiri. Nk’akarorero, ivyo umugabo be n’umugore bakenera mu bijanye n’ukwimara inambu y’umubiri birashobora kuba bitandukanye rwose. Canke ukuntu umwe mu bubakanye amerewe ku mubiri bishobora rimwe na rimwe gutuma bigorana kurangura amabanga y’abubatse nk’uko bisanzwe, canke mbere ntibinashoboke. Kumbure bivanye n’ibiba vyamushikiye, umwe mu bubatse ashobora gusanga bitoroshe kugamburuka iyi nkeburo igira iti: “Umugabo ahe umugore wiwe ivy’akwiye, kand’umugore na we abigenze artyo ku mugabo wiwe”. Mu gihe nk’ico, mugenziwe yoshobora kuba akeneye kurushiriza kwigumya. Mugabo, bompi barashobora kugumiza mu muzirikanyi impanuro iranga urukundo Paulo yahaye abakirisu bubatse, igira iti: “Ntimukīmane, shiti kumbure musezeranye igihe, kugira ngo mubone uburyo bgo gusenga, kandi mwongere mubane, Satani ntabageragereshe kutirinda kwanyu”.​—1 Ab’i Korinto 7:3, 5.

13. Dushobora gukora iki ku bw’abantu bariko bararwana urugamba kugira bagaragaze ukwigumya?

13 Urazi ukuntu abubakanye bashobora gukenguruka igihe bompi baba barize kugaragaza ukwigumya kubereye muri ubwo bucuti burushirije kuba ubwa somambike! Muri ico gihe nyene, vyoba vyiza berekanye ko batahura abo basenga hamwe bakiriko bararwana urugamba kugira ngo bakugaragaze muri uwo muce. Ntidukwiye kwigera twibagira gusaba yuko Yehova yoronsa abavukanyi bacu bo mu vy’impwemu uguca mu kajisho, uburindutsi be n’umwiyemezo kugira ngo babandanye kurwana urugamba rwo kugaragaza ukwigumya no kugira batere intambwe zo gutsinda ivyipfuzo bitabereye.​—Ab’i Filipi 4:6, 7.

Mubandanye gufashanya

14. Ni kubera iki dukwiye gufata abakirisu bagenzi bacu mu buryo buranga imbabazi kandi buranga ko tubatahura?

14 Rimwe na rimwe, ushobora gusanga bigoye gutahura abakirisu bagenzi bacu bariko baranyinyana kugira ngo bagire ukwigumya mu muce ata ngorane twebwe tuwufisemwo. Mugabo, abantu baratandukanye uravye ukuntu baremwe. Bamwe usanga batwarwa n’inyiyumvo bitagoranye; abandi usanga zitabatwara. Bamwe basanga hari ukuntu biborohera kwigumya, ukwigumya ugasanga nta ngorane nini kubatera. Abandi birabagora cane. Yamara, niwibuke yuko umuntu ariko ararwana urugamba atari umuntu mubi. Abakirisu bagenzi bacu barakeneye ko tubatahura kandi tukabagaragariza imbabazi. Na twebwe ubwacu, ntitubura kugira agahimbare uko tubandanya kugaragariza imbabazi abantu bakiriko baranyinyana kugira ngo barushirize kwerekana ukwigumya. Ivyo turashobora kubibonera mu majambo ya Yezu yanditse muri Matayo 5:7.

15. Ni kubera iki amajambo ari muri Zaburi 130:3, ahumuriza rwose mu bijanye n’ukwigumya?

15 Ntidushaka kwigera na rimwe twiyumvira ukutari kwo umukirisu mugenzi wacu vyoshika akananirwa kugaragaza iyo kamere ya gikirisu. Ese ukuntu biremesha kumenya yuko, uretse ko Yehova abona incuro imwe tuba twananiwe kugaragaza ukwigumya, abona incuro nyinshi tuba twarakugaragaje, naho nyene izo ncuro zose abakirisu bagenzi bacu bataba barazibonye. Birahumuriza rwose kugumiza mu muzirikanyi amajambo ari muri Zaburi 130:3, agira ati: “Uhoraho, wokwama wibuka ibigabitanyo, Bgirukiro, ni nde yohava akazohagarara adatsinzwe?”.

16, 17. (a) Dushobora gute gushira mu ngiro Ab’i Galatiya 6:2, 5 mu bijanye n’ukwigumya? (b) Ni ibiki birimburwa mu kiganiro gikurikira mu bijanye n’ukwigumya?

16 Kugira ngo umwe wese muri twebwe abe uwuhimbara Yehova, ategerezwa gutsimbataza ukwigumya. Mugabo turashobora gushira amazinda yuko abavukanyi bacu bakirisu bazodufasha. Naho umwe wese muri twebwe ategerezwa kwikorera uwiwe mutwaro, duhimirizwa gufashanya kwihanganira ubugoyagoye (Ab’i Galatiya 6:2, 5). Turashobora gukengurukira umuvyeyi, uwo twubakanye canke umugenzi atubujije kugenda ahantu tudakwiye kuja, atubujije kuraba ibintu tudakwiye kuraba canke atubujije gukora ibintu tudakwiye gukora. Aba ariko aradufasha kugaragaza ukwigumya, ni ukuvuga ubushobozi bwo kuvuga ngo oya, oya ikaba oya!

17 Abakirisu benshi bashobora kuba bahuza n’ivyo twarimbuye gushika aha mu bijanye n’ukwigumya, mugabo bashobora kwumva ubwabo bafise uturyo twinshi two kugira ivyo baryohoye. Boshima kugaragaza ukwigumya mu buryo burushirije kuba ubushitse, gushika ku rugero babona yuko abantu b’abanyagasembwa bashobora gushikanako. Woba ari ukwo nawe wiyumva? Wokora iki none mu bijanye n’ugutsimbataza iyo kamere iri mu vyamwa vy’impwemu y’Imana? Kandi kuyitsimbaza bishobora gute kugufasha gushikira amahangiro yawe y’igihe kirekire uko uri umukirisu? Reka tubirabe mu kiganiro gikurikira.

Woba uvyibuka?

Ni kubera iki ukwigumya . . .

• bihambaye ko abakirisu bagutsimbataza?

• ari ingorane idasanzwe kuri bamwebamwe?

• ari nkenerwa mu mubano w’ababiranye?

• ari kamere dushobora gufashanya gutsimbataza?

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 16]

Yarize kuvuga ngo oya

Hari Icabona ca Yehova umwe wo mu Budagi yakoreshwa mu buhinga bw’ivyuma mu bijanye no gutumatumanako amakuru. Igikorwa ciwe cari ico kugenzura ibiganiro bica ku mateleviziyo no ku maradiyo atandukanye agera nko kuri 30. Igihe habaye ingorane mu bijanye n’amajwi, yategerezwa kuraba neza ico kiganiro kugira ngo arabe ahari ingorane. Avuga ati: “Bisa n’uko ingorane yakunda kwaduka mu gihe kitari ciza, mu gihe nyene haba hariko harerekanwa ivy’ubukazi canke ibijanye n’igitsina. Ivyo bintu bibi bisa n’uko vyamara imisi ndetse amayinga bindi mu bwenge, nk’aho umenga vyaba vyariyanditse mu bwonko bwanje”. Aremera yuko ivyo vyamugizeko ingaruka mbi mu vy’impwemu. Avuga ati: “Nasa n’umuntu agira ibintu gihutihuti, ku buryo bw’uko ibintu vy’ubukazi nabona vyatuma bingora kugaragaza ukwigumya. Ibintu vyerekana ubushegabo vyaravyuye amahane hagati yanje n’umukenyezi wanje. Nama ndwana urugamba ku musi ku musi. Kugira ngo sineshwe muri urwo rugamba, nafashe ingingo yo kurondera akandi kazi, naho vyansavye guhembwa amahera makeyi. Ejobundi narakaronse. Icipfuzo canje cararangutse”.

[Amafoto ku rup. 15]

Ubumenyi twaronse biciye ku kwiga Bibiliya buradufasha kugaragaza ukwigumya

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika