ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 15/10 rup. 23-27
  • Rwaruka, nimugende nk’uko bibereye yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Rwaruka, nimugende nk’uko bibereye yehova
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ingorane bisangije
  • ‘Yehova yari kumwe na Yozefu’
  • Musa yarahunze “ibihimbaro vy’ivyaha”
  • Yarakoresheje ururimi rwiwe mu gushemeza Imana
  • Yehova ntiyari umugani kuri bo
  • Yehova ntazoguta
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 15/10 rup. 23-27

Rwaruka, nimugende nk’uko bibereye yehova

ABAKIRI bato bamwebamwe b’abakirisu babwirijwe kuba kure y’imiryango yabo n’amashengero yabo mu gihe gito. Bamwe babigize kugira bagure ubusuku bwabo. Abandi babwirijwe kuva i muhira iwabo kubera impagararo yabo y’ukutagira aho bahengamiye ku bijanye n’ibintu vy’iyi si (Yesaya 2:4; Yohana 17:16). Mu bihugu bimwebimwe, “Kayisari” yaraciriye abakiri bato baguma ari intadohoka urubanza rwo gupfungwa canke gukora ibikorwa rusangia.​—Mariko 12:17; Tito 3:1, 2.

Mu gihe abo bakiri bato baba bapfunzwe bazira ukutagira aho bahengamiye, bashobora gupfunganwa n’inkozi z’ikibi mu gihe kirekire. Kuba kure y’i muhira bivuye ku zindi mvo, na vyo nyene vyaratumye abakiri bato bakorera ahantu hatameze neza mu bijanye n’inyifato runtu. Naho abo bakirisu bakiri bato hamwe n’abandi babwirizwa kubaho gutyo, bashobora gute guhangana n’imikazo be n’ibibazo bahura uko bagwa bavyuka kugira ‘bagende nk’uko bibereye Imana’ (1 Ab’i Tesalonike 2:12)? Abavyeyi babo bashobora gute kubafasha kwitegurira ibihe bimeze nabi ivyo ari vyo vyose bohangana?​—Imigani 22:3.

Ingorane bisangije

“Kuba kure y’aho ntashobora gukingirwa n’abavyeyi banje no gucungerwa mu buryo buranga urukundo n’abakurambere banzi neza, vyari bigoye kandi biteye ubwoba”. Ivyo bivugwa na Tákis w’imyaka 21, uwabwirijwe kumara amezi 37 atari i muhirab. Yongerako ati: “Rimwe na rimwe narumva ntagira gitabara”. Pétros w’imyaka 20, yabwirijwe kuba kure y’i muhira mu kiringo c’imyaka irenga ibiri. Yiyemerera ati: “Ari bwo bwa mbere mu buzima bwanje, nategerejwe kwifatira ingingo ku bijanye n’ivyo kwisamaza be n’abagenzi ata n’umwe amfashije, kandi amahitamwo nagira ntiyama aranga ubukerebutsi”. Maze avuga ati: “Vyarashika nkumva ntamerewe neza ku vyerekeye ibanga rirushirije kuba irikomeye ryazanywe n’uwo mwidegemvyo wiyongereye”. Tássos, umukurambere mukirisu akunda kuganira n’abakirisu bakiri bato bari mu bintu nk’ivyo, yavuze ati: “Imvugo ihumanye, ubugarariji be n’inyifato iranga ubukazi vy’urunganwe rutizera birashobora kwandukira urwaruka rutiyubara kandi rutagira gitabara”.

Mu gihe urwaruka rukirisu nk’urwo ruba mu bantu batubaha ingingo ngenderwako za Bibiliya rukongera rugakorera muri bo, rurakeneye kuba maso kugira ngo ntirwoshwe kwigana ingendo y’ubushegabo kandi idashingiye ku Vyanditswe y’urunganwe rwabo (Zaburi 1:1; 26:4; 119:9). Kugumana akamenyero keza ko kwiyigisha, kwitaba amakoraniro be no kuja mu murimo wo mu ndimiro vyoshobora gusa n’ibigoye (Ab’i Filipi 3:16). Kwishingira amahangiro yo mu vy’impwemu no kuyashitsa, na vyo nyene vyoshobora kuba ibitoroshe.

Abakirisu bakiri bato b’abizerwa nta gukeka ko bashaka guhimbara Yehova mu buryo bigenza no mu vyo bavuga. Baragerageza babigiranye ukudahemuka kwumvira ubutumire bukwegera bwa Se wabo wo mw’ijuru bugira buti: “Mwana wanje, uce ubgenge, unezereze umutima wanje, kugira ngo ngire ico nishura uwontuka” (Imigani 27:11). Baratahura yuko ukuntu baboneka neza be n’inyifato yabo bigira ico bikoze ku buryo abandi babona Yehova n’abasavyi biwe.​—1 Petero 2:12.

Igishimishije, ni uko benshi mu rwaruka nk’urwo bakora uko bashoboye kugira bamere nk’abavukanyi babo bo mu kinjana ca mbere intumwa Paulo yasabiye ati: “Mugende nk’uko bibereye [Yehova], mumunezereza muri vyose, mwama imbuto mu bikorwa vyiza vyose . . . ngo mwihangane rwose, ntimurambirwe, mubigiranye umunezero” (Ab’i Kolosayi 1:9-11). Bibiliya iratanga uburorero butari buke bw’abakiri bato batinya Imana berewe mu kugenda nk’uko bibereye Imana bari ahantu batamenyereye, ata wuberekwa kandi hasengerwa ibigirwamana.​—Ab’i Filipi 2:15.

‘Yehova yari kumwe na Yozefu’

Yozefu, umuhungu mukundwa wa Yakobo na Rakeli, akiri muto yasanze ari kure y’aho se wiwe yatinya Imana aba. Yaragurishijwe aja kuba umuja mu Misiri. Yozefu yaratanze akarorero keza cane ko kuba umusore w’umunyamwete, w’umwizigirwa, kandi yigenza neza. Naho Yozefu yari ashumbiye Potifari, umuntu atasenga Yehova, yari umuntu yiyubara kandi w’umunyamwete ku buryo bw’uko shebuja yahavuye amuzeza ivyo mu rugo rwiwe vyose (Itanguriro 39:2-6). Yozefu yagumye ari intadohoka kuri Yehova, kandi igihe vyatuma atabwa mw’ibohero, ntivyamushikanye ku kwiyumvira ati: “Kuba intadohoka bimaze iki?”. N’igihe nyene yari mw’ibohero, yaragaragaje kamere nziza, maze bidatevye ashingwa ibintu bitari bike vyakorerwa mw’ibohero (Itanguriro 39:17-22). Imana yaramuhezagiye, vyongeye nk’uko mw’⁠Itanguriro 39:23 habivuga, ‘Yehova yari kumwe na Yozefu’.

Ese ukuntu vyari kuba ivyoroshe kuri Yozefu, uwari kure y’umuryango wiwe watinya Imana, kwigenza nk’uko abapagani bari bamukikuje bigenza, akigana uburyo bwo kubaho buranga ubuhumbu bw’Abanyamisiri! Aho kwigenza gutyo, yarumiye ku ngingo ngenderwako z’Imana kandi aguma afise impagararo idahumanye naho yari mu nyosha mbi zikomeye kuruta izindi zose. Igihe muka Potifari yaguma aza aramusaba ngo baryamane, yishura ashikamye ati: “Noshobora nte gukora icaha kingana girtyo, ngacumura ku Mana?”.​—Itanguriro 39:7-9.

Muri iki gihe, Ivyabona bakiri bato barakeneye kwumvira imburi zishingiye kuri Bibiliya zibabuza kwifatanya n’abagenzi babi, kuja mu vy’ukwisamaza birimwo ubuhumbu, kuraba ivyerekana ubushegabo no kwumviriza imiziki yononekaye. Baratahura yuko “inyonga z’Uhoraho zir’ahantu hose, zītegereza ababi n’abeza”.​—Imigani 15:3.

Musa yarahunze “ibihimbaro vy’ivyaha”

Musa yakuriye ku kirimba kwa Farawo carangwamwo ugusenga ibigirwamana n’ukwironderera ibinezereza. Bibiliya ivuga ku bimwerekeye iti: “Ukwizera ni kwo kwatumye Mose, . . . yanka kwitwa umwana w’umukobga wa Farawo, agahitamwo kugiriranwa nabi n’abantu b’Imana, abirutisha kumara igihe mu bihimbaro vy’ivyaha”.​—Abaheburayo 11:24, 25.

Kugiranira ubucuti n’isi birashobora kuvamwo ivyiza binaka, mugabo ni ivyiza vy’igihe gito. Hafi nka vyose, bishobora kumara gusa umwanya mutoyi iyi si isigaje (1 Yohana 2:15-17). Ntivyoba vyiza none dukurikije akarorero ka Musa? Bibiliya ivuga ko “yashikamye nk’ah’abona Ītaboneka” (Abaheburayo 11:27). Yagumije umuzirikanyi wiwe ku ntoranwa yo mu vy’impwemu ya ba sekuruza biwe batinya Imana. Umugambi wa Yehova yawugize umugambi wiwe mu buzima, gukora ivyo Imana igomba abigira ryo hangiro ryiwe.​—Kuvayo 2:11; Ivyakozwe 7:23, 25.

Igihe abakiri bato batinya Imana basanze bari ahantu harangwa ukutibanga Imana kandi hataberekwa, barashobora gukomeza ubucuti bafitaniye na Yehova biciye ku kwiyigisha, bagashika ku kumenya neza “Ītaboneka”. Urutonde rwuzuye rw’ibikorwa vya gikirisu, harimwo ukwitaba amakoraniro ubudahorereza be n’umurimo wo mu ndimiro, ruzofasha abo bakiri bato kugumiza umuzirikanyi wabo ku bintu vy’impwemu (Zaburi 63:6; 77:12). Bakwiye kwihatira gutsimbataza ukwizera be n’icizigiro bikomeye nka bimwe vya Musa. Vyoba vyiza bashingiye ivyiyumviro vyabo n’ibikorwa vyabo kuri Yehova, bagahimbarwa n’ukuba abakunzi biwe.

Yarakoresheje ururimi rwiwe mu gushemeza Imana

Uwukiri muto wundi yabaye intangakarorero igihe yari kure y’i muhira ni ka Kisirayelikazi kajanwa inyagano n’Abasiriya mu gihe c’umumenyeshakazoza w’Imana Elisa. Kacitse agasukukazi k’umugore w’umukuru w’intwazangabo w’Umusiriya yari arwaye imibembe, yitwa Namani. Nya gakobwa kabwiye inabuja gati: “Icompa databuja akaja k’ūvugishwa n’Imana aba i Samariya! Yomukiza iyo mibembe yiwe”. Bivuye ku ntahe kashinze, Namani yaragiye kwa Elisa muri Isirayeli hanyuma arahumanurwa imibembe yiwe. N’ikirushirije, Namani yacitse umusavyi wa Yehova.​—2 Abami 5:1-3, 13-19.

Akarorero k’ako kigeme karashimika ku vy’uko urwaruka bakeneye gukoresha ururimi rwabo mu buryo butera iteka Imana, mbere n’igihe boba bari kure y’abavyeyi babo. Iyo ako kigeme kaza kuba kari gafise akamenyero ko kuvuga “amagambo y’ubupfu” canke “ibitwenza bibi”, koba kari kwumva korohewe gukoresha ururimi rwako mu buryo ngirakamaro nk’uko kabigize igihe akaryo kizana (Abanyefeso 5:4; Imigani 15:2)? Níkos, umusore yari arengeje gatoyi imyaka 20 yapfunzwe kubera impagararo yiwe yo kutagira aho ahengamiye, yibuka ibi: “Igihe nari kumwe n’abandi bavukanyi bakiri bato bamwebamwe mw’ibohero ry’ivy’uburimyi, aho hakaba hari kure y’aho twashobora gucungerwa n’abavyeyi be n’ishengero, narabonye yuko imvugo yacu yononekaye. Mu vy’ukuri, sinatuma Yehova ashemezwa”. Ikinezereje, ni uko Níkos be n’abandi bafashijwe gushira mu ngiro impanuro ya Paulo ijanye n’ivyo, igira iti: “Ubushakanyi n’ibihumanya vyose cank’ukwifuza ntimukabishire no mu kanwa, mube nk’uko bibereye abera”.​—Abanyefeso 5:3.

Yehova ntiyari umugani kuri bo

Ivyashikiye ba Baheburayo batatu bagenzi ba Daniyeli i Babiloni ha kera, biremeza ko ingingo ngenderwako yavuzwe na Yezu ari iy’ukuri, na yo ikaba ivuga yuko kuba umwizigirwa ku coroshe bishikana ku kuba umwizigirwa no ku gikomeye (Luka 16:10). Igihe bari bahanganye n’ingorane y’ukurya ku vyo kurya bibujijwe n’Ivyagezwe vya Musa, bari gushobora kwitwaza ivy’uko bari inyagano mu gihugu kitari ic’iwabo, bakaba rero ata kundi bari kugira. Mugabo, ese umuhezagiro baronse kubona barafatanye uburemere mbere n’icasa n’uko ari ikintu coroshe! Baragize amagara meza n’ubukerebutsi bwinshi kurusha izindi nyagano zagumye zifungura ku biturire vy’umwami. Kuba abizigirwa muri ivyo bintu vyoroshe nta nkeka ko vyabakomeje, ku buryo bw’uko, igihe bari bahanganye n’ikigeragezo kirushirije kuba igihambaye c’ukwikubita imbere y’igishushanyo, banse guhemuka.​—Daniyeli 1:3-21; 3:1-30.

Yehova ntiyari umugani kuri iyo misore itatu. Naho bari kure y’i muhira iwabo bakongera bakaba kure y’ikibanza nyamukuru c’ugusengeramwo Imana, bari biyemeje kuguma batandujwe n’isi (2 Petero 3:14). Ubucuti bari bafitaniye na Yehova bwari bufise agaciro kanini kuri bo, ku buryo bw’uko bari biteguriye guheba ubuzima bwabo kubera ubwo bucuti.

Yehova ntazoguta

Igihe abakiri bato bari kure y’abo bakunda kandi bizigiye, ni ivyumvikana ko bokwumva badatekaniwe, batabona ico bofata n’ico boreka, bakagira n’ubwoba. Ariko rero, barashobora guhangana n’ibibagerageza bizigiye badakeka yuko ‘Yehova atazobata’ (Zaburi 94:14). Urwaruka nk’urwo ‘nirwababazwa ruhorwa ukugororoka’, Yehova azoba ari ho ari kugira arufashe kuguma rugendera mu ‘nzira y’ubugororotsi’.​—1 Petero 3:14; Imigani 8:20.

Yehova yagumye akomeza kandi ahezagira cane Yozefu, Musa, ka gashumba k’Akisirayelikazi na ya misore itatu y’Abaheburayo b’abizerwa. Muri iki gihe ariko akoresha Ijambo ryiwe be n’ishirahamwe ryiwe kugira akomeze ‘abarwana intambara nziza y’ukwizera’, akabashira imbere impera y’‘ubuzima budahera’ (1 Timoteyo 6:11, 12). Vyemere, kugenda nk’uko bibereye Yehova ni ikintu gishoboka, kandi ni ikintu kiranga ubukerebutsi co gukora.​—Imigani 23:15, 19.

[Utujambo tw’epfo]

a Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Rusama 1996, urupapuro rwa 26-28.

b Amazina amwamwe yarahinduwe.

[Uruzitiro ku rup. 25]

BAVYEYI​—TEGURE ABANA BANYU!

“Nk’ukw imyampi yo mu ntoke z’umuhizi iri, ni kw abana bo mu busore bamera” (Zaburi 127:4). Umwampi ntuzopfa kwigema ku co warashweko. Utegerezwa gutumberezwa n’ubuhinga bwinshi. Nk’ukwo nyene, abana ntibazoba abiteguriye guhangana n’ibibashikira bari kure y’i muhira bataronse ubuyobozi bwa kivyeyi bubereye.​—Imigani 22:6.

Abakiri bato barakunda gukora nk’uko bipfuza canke bagatwarwa n’“[u]kwifuza kw’ubusore” (2 Timoteyo 2:22). Bibiliya igabisha iti: “Inkoni n’indero nziza bicisha ubgenge, arik’umwana bapfa kurekera aho atētereza nyina” (Imigani 29:15). Kunanirwa gushingira akarimbi inyifato y’umwana bituma ataba uwiteguriye guhangana n’ibibazo be n’imikazo vyo mu buzima igihe aba ari kure y’i muhira.

Abavyeyi bakirisu bakwiye kwereka abana babo ingorane, imikazo be n’ibishika mu buzima bwo muri uru runkwekwe rw’ibintu mu buryo butomoye kandi buranga ko bazobibazwa. Barashobora kuvuga ibintu bitameze neza vyoshikira uwukiri muto mu gihe abaye kure y’i muhira, ata kuba abantu babona ibintu mu buryo bubi canke bacana intege. Ukwo kumenyerezwa, gufatanijwe n’ubukerebutsi buva ku Mana, ‘bizoha imburabwenge kwiguranura, n’umusore bimuhe ubumenyi n’ububasha bwo kwiyumvira’.​—Imigani 1:4.

Abavyeyi binjiza mu mitima y’abana babo ingingo ngenderwako zijanye n’inyifato runtu biva ku Mana, baba babafashije guhangana n’ingorane zo mu buzima bakererwa. Kugira inyigisho ya Bibiliya y’umuryango idahorereza, guseruriranira akari ku mutima ata guhishanya be n’ukwitwararika koko ukumererwa neza kw’ibibondo vyabo, birashobora kubafasha kubona itandukaniro riri hagati y’ukwererwa be n’ukutererwa. Abavyeyi bakwiye kuronsa abana babo ukumenyerezwa gushimwa n’Imana mu buryo buri ku burimbane ariko bwiza kandi budakabije, bakabategura kugira baze bimenye mu buzima. Biciye ku karorero ubwabo batanga, abavyeyi barashobora kwigisha abana babo yuko ari igishoboka kuba muri iyi si ariko utari uwayo.​—Yohana 17:15, 16.

[Ifoto ku rup. 23]

Abakiri bato bamwebamwe b’abakirisu babwirijwe kuva i muhira

[Amafoto ku rup. 24]

Mu kunanira inyosha mbi, urwaruka rurashobora kwigana Yozefu kandi rukaguma rudahumanye mu vy’inyifato runtu

[Amafoto ku rup. 26]

Niwigane ka gashumba k’Akisirayelikazi kakoresha ururimi rwako kugira Yehova aninahazwe

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika