ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 1/11 rup. 8-13
  • Abasavyi ba Yehova bahimbawe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abasavyi ba Yehova bahimbawe
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kumenya yuko dukeneye ivy’impwemu
  • Ingene abatuntuye bashobora guhimbarwa
  • Hahirwa abagwaneza
  • Hahirwa abafise inzara yo kugororoka
  • Hahiriwe abanyakigongwe
  • Abafise imitima itanduye kandi baremesha amahoro
  • Ingene amajambo Yezu yavuze atuma umuntu agira ubuhirwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Hahiriwe abakorera “ya Mana ihimbawe”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Igikenewe vy’ukuri kugira ngo umuntu abe umuhirwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Ingene tworonka agahimbare
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 1/11 rup. 8-13

Abasavyi ba Yehova bahimbawe

“Hahirwa abazi ko bakeneye ivy’impwemu”.—MATAYO 5:3, “NW”.

1. Agahimbare nyakuri ni iki, kandi kerekana iki?

AGAHIMBARE ni ikintu c’agaciro abasavyi ba Yehova bifitiye. Umwanditsi w’amazaburi Dawidi ni we yikuguye ati: “Hahirwa ihanga rifise [“Yehova”, NW] kw Imana yaryo” (Zaburi 144:15)! Agahimbare ni ukwumva ko umuntu amerewe neza. Agahimbare nyako, kamwe gashika i bwina muri twebwe, kava ku kumenya yuko twahezagiwe na Yehova (Imigani 10:22). Agahimbare nk’ako kerekana ko dufitaniye ubucuti somambike na Dawe wa twese wo mw’ijuru be n’uko tuzi yuko turiko dukora ivyo agomba (Zaburi 112:1; 119:1, 2). Biri n’ico bivuze kubona Yezu yaradondaguye imvo icenda zishobora gutuma twitwa ko duhimbawe. Izo mvo zituma umuntu agira agahimbare nitwazihweza muri iki kiganiro no mu gikurikira, biraza kudufasha gutahura ingene dushobora kwibera abahimbawe turamutse dukoreye Yehova ya “Mana ihimbawe” turi abizerwa.—1 Timote 1:11, UB.

Kumenya yuko dukeneye ivy’impwemu

2. Ibintu vyari vyifashe gute igihe Yezu yavuga ibijanye n’agahimbare, kandi yatanguje ayahe majambo?

2 Mu 31 G.C., Yezu yarashikirije imwe mu nsiguro zabaye rurangiranwa kuruta izindi zose. Yitwa Insiguro yo ku musozi kubera yuko Yezu yayishikirije ari ahantu ku musozi harabana n’Ikiyaga c’i Galilaya. Injili ya Matayo yigana iti: “[Yezu] abonye iryo shengero, adūga umusozi. Amaze kwicara, abigishwa biwe baramwēgēra. Yanzika kuvuga, arabigisha, ati [“Hahirwa abazi ko bakeneye ivy’impwemu”, “NW”], kuk’ubgami bgo mw ijuru ar’ubgabo” (Ni twe dushimitse.). Ayo majambo Yezu yatanguje, ahinduwe urudome ku rundi yoca asomwa ngo: “Hahirwa aboro mu vy’umutima” canke ngo “Hahirwa abasezi b’ivy’umutima” (Matayo 5:1-3; Kingdom Interlinear; akajambo k’epfo). Impinduro imwe (Today’s English Version) ayo majambo iyahindura ngo: “Hahiriwe abazi ko ari bakene mu vy’umutima”.

3. Agatima ko kwicisha bugufi kagira ico gaterereye gute ku gahimbare kacu?

3 Muri ya nsiguro yiwe yo ku musozi, Yezu yerekanye ko umuntu arushiriza guhimbarwa igihe azi yuko hari ivyo akeneye mu vy’impwemu. Kubera yuko abakirisu bicisha bugufi baba bazi neza ko ari abacumuzi, baratakambira Yehova ngo abagirire ikigongwe yishimikije inkuka y’incungu ya Kirisitu (1 Yohana 1:9). Baca rero bironkera amahoro yo mu mutima be n’agahimbare nyakuri. “Hahirwa uwahariwe ugucumura kwiwe, icaha ciwe kigatwikirwa”.—Zaburi 32:1; 119:165.

4. (a) Ni mu buhe buryo twokwerekana ko tuzi yuko twe n’abandi dukeneye ivy’impwemu? (b) Ni igiki kiza congereza agahimbare dufise igihe tuzi ko dukeneye ivy’impwemu?

4 Kumenya ko dukeneye ivy’impwemu biratuma dusoma Ijambo ry’Imana ku musi ku musi, tukihereza imfungurwa zo mu vy’impwemu zitangwa ku “gihe kibereye” na “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge”, bikongera bigatuma twitaba amakoraniro ya gikirisu tudahorereza (Matayo 24:45; Zaburi 1:1, 2; 119:111; Abaheburayo 10:25). Urukundo dukunda bagenzi bacu rutuma dutahura ko abandi bakeneye ivy’impwemu maze rukadusunikira ku kugira umwete wo kwamamaza no kwigisha inkuru nziza y’Ubwami (Mariko 13:10; Abaroma 1:14-16). Gusangira n’abandi ukuri kwa Bibiliya biratuzanira agahimbare (Ivyakozwe 20:20, 35). Agahimbare kacu kararushiriza kwongerekana igihe tuzirikanye ku cizigiro ntangere c’Ubwami be no ku mihezagiro buzozana. Ku “busho buto” bugizwe n’abakirisu basizwe, icizigiro c’Ubwami gisigura kuronka ubuzima budapfa mw’ijuru bafadikanije na Kirisitu mu ntwaro yiwe y’Ubwami (Luka 12:32; 1 Ab’i Korinto 15:50, 54). Ku bo mu “zindi ntama”, icizigiro c’Ubwami gisobanura kuronka ubuzima budahera mw’isi izoba yabaye iparadizo batwarwa n’ubwo Bwami.—Yohana 10:16; Zaburi 37:11; Matayo 25:34, 46.

Ingene abatuntuye bashobora guhimbarwa

5. (a) Imvugo ngo “abatuntuye” isobanura iki? (b) Mwene abo bantu batuntuye bahumurizwa gute?

5 Amajambo agize imvo ikurikira Yezu yavuze ko ituma umuntu agira agahimbare womenga arivuguruza. Yavuze ati: “Hahirwa abatuntuye, kukw ari bo bazokwirurwa” (Matayo 5:4). Bishoboka bite ko umuntu atuntura kandi ico gihe nyene akaba ahiriwe canke ahimbawe? Kugira dutahure insobanuro y’ayo majambo ya Yezu, turakeneye kubanza kurimbura intuntu ariko aravuga iyo ari yo. Umwigishwa Yakobo asigura yuko ukuba turi abacumuzi vyari bikwiye gutuma tugira intuntu. Yanditse ati: “Yemwe abanyavyaha, ni mukarabe: yemwe ab’imitima ibiri, ni mwiyeze imitima. Mubabare, muboroge, murire; ibitwengo vyanyu bihinduke amaborogo, umunezero uhinduke umubabaro. Mwicishe bugufi imbere y’Umwami Imana, na yo izobashira hejuru” (Yakobo 4:8-10). Abantu bababazwa vy’ukuri n’uko ari abacumuzi barahumurizwa iyo bamenye yuko bashobora guharirwa ivyaha vyabo baramutse bizeye inkuka y’incungu ya Kirisitu kandi bakerekana ko bigaye vy’ukuri mu gukora ivyo Yehova agomba (Yohana 3:16; 2 Ab’i Korinto 7:9, 10). Baca bashobora rero kugiranira na Yehova ubucuti bw’agaciro kandi bakagira icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera kugira ngo bamukorera bongere bamushemagize. Ivyo bituma bumva icari ku mutima cururutse.—Abaroma 4:7, 8.

6. Ni mu buhe buryo bamwebamwe batuntuye, kandi bahumurizwa gute?

6 Ayo majambo ya Yezu arerekeza kandi no ku bantu batuntuzwa n’ibintu bisesema vyiraye mw’isi. Yezu yariyerekejeko ubuhanuzi buvugwa muri Yesaya 61:1, 2, bugira buti: “[I]mpwemu [y]’Umwami Uhoraho [i]ri kuri jewe, kuk’Uhoraho yandobanuje amavuta ngo mbgire abaciye bugufi ubutumwa bgiza; yantumye gutubika imitima imenetse, . . . ngo nirure aba[tuntu]ye bose”. Iryo banga kandi rirega abakirisu basizwe bakiri kw’isi, bakaba barirangura bafashijwe na bagenzi babo, ari bo “zindi ntama”. Bose baragira uruhara muri ca gikorwa co gushira ikimenyetso mu buryo bw’ikigereranyo mu ruhanga rw’“abantu banihishwa n’ibizira vyose bikorerwa hagati muri co [ni ukuvuga Yeruzalemu yahunye igereranya abiyita abakirisu]” (Ezekiyeli 9:4). Abantu mwene abo batuntuye barahumurizwa n’“[u]butumwa bgiza bg’ubgami” (Matayo 24:14). Barahimbarwa no kumenya yuko uru runkwekwe rwa Shetani rugiye gusubirirwa n’isi nshasha ya Yehova igororotse.

Hahirwa abagwaneza

7. Ni igiki ijambo “umugwaneza” ridasobanura?

7 Yezu yabandanije Insiguro yiwe yo ku musozi mu kuvuga ati: “Hahirwa abatekereza [canke “abagwaneza”, “NW”], kukw ari bo bazoragwa isi” (Matayo 5:5). Ubugwaneza rimwe na rimwe bubonwa ko ari ubugoyagoye. Ariko si ukwo biri. Mu gusigura ijambo ryahinduwe ngo “umugwaneza”, incabwenge imwe mu vya Bibiliya yanditse iti: “Ikintu nyamukuru kiranga umuntu [w’umugwaneza] ni uko usanga ari wa muntu yigumya ijana kw’ijana. Si ugutekereza kwa goyigoyi, ikibabarwe gishingiye ku kanyegetera gusa, canke ukudakoma akatsi. Ni inkomezi zicungerewe”. Ku bimwerekeye ubwiwe, Yezu yavuze ati: “[Ndi] umugwaneza [kandi] niyoroheje mu mutima” (Matayo 11:29). Yamara Yezu yaraburaniye ingingo ngenderwako zigororotse abigiranye umutima rugabo.—Matayo 21:12, 13; 23:13-33.

8. Ubugwaneza bufitaniye isano cane n’iki, kandi ni kubera iki dukeneye iyo kamere mu migenderanire tugiranira n’abandi?

8 Ubugwaneza rero burafitaniye isano cane n’ukwigumya. Kukaba nkako, intumwa Paulo yashize hamwe ubugwaneza n’ukwigumya, igihe yavuga muri make “ivyo [i]mpwemu yama” (Ab’i Galatiya 5:22, 23). Kugira ngo umuntu atsimbataze ubugwaneza ategerezwa kubifashwamwo n’impwemu yera. Ni kamere iranga abakirisu ituma bagiranira amahoro n’abatizera be n’abo mw’ishengero. Paulo yanditse ati: “Mwambare umutima w’ikigongwe, n’ineza, n’ukwicisha bugufi, n’ugutekereza [canke “ubugwaneza”, NW], n’ukwihangana, mwihanganirana, muharirana”.—Ab’i Kolosayi 3:12, 13.

9. (a) Ni kubera iki kuba umugwaneza bitagarukira gusa ku migenderanire tugiranira n’abandi bantu? (b) Ni mu buhe buryo abagwaneza ‘baragwa isi’?

9 Ariko rero, ubugwaneza ntibugarukira gusa ku migenderanire tugiranira n’abandi bantu. Iyo tugamburutse ubusegaba bwa Yehova n’umutima ukunze, tuba twerekanye ko turi abagwaneza. Yezu Kirisitu ni we karorero ntangere muri ivyo. Igihe yari kw’isi, yarerekanye ubugwaneza yongera aragamburuka rwose ivyo Se agomba vyose (Yohana 5:19, 30). Imbere ya vyose Yezu yarazwe isi, kubera ko ari we Mutware wayo yagenywe (Zaburi 2:6-8; Daniyeli 7:13, 14). Iryo ragi arisangira n’“abaraganwa” na we 144.000, batowe “mu bantu” kugira “ba[be] abami mw isi” (Abaroma 8:17; Ivyahishuriwe 5:9, 10; 14:1, 3, 4; Daniyeli 7:27). Kirisitu hamwe n’abo bafadikanije gutwara, bazoganza abagabo n’abagore amamiliyoni bagereranywa n’intama bazokwibonera iranguka rihimbaye ry’iyi zaburi menyeshakazoza, igira iti: “Abagwaneza bazoragwa [isi], bazonezererwa amahoro y’umusēsekara”.—Zaburi 37:11; Matayo 25:33, 34, 46.

Hahirwa abafise inzara yo kugororoka

10. Uburyo bumwe ‘abafise inzara n’inyota vyo kugororoka’ bashobora guhazwa ni ubuhe?

10 Imvo ikurikira Yezu yavuze ko ituma umuntu agira agahimbare igihe yariko avugira ku nkike y’umusozi w’i Galilaya yari iyi: “Hahirwa abafise inzara n’inyota vyo kugororoka, kukw ari bo bazohāzwa” (Matayo 5:6). Ku bakirisu, Yehova ni we abashingira ingingo mfatirwako zigenga ibigororotse. Ku bw’ivyo rero, abafise inzara n’inyota vyo kugororoka baba bashonje kandi banyotewe ubuyobozi buva ku Mana. Abantu mwene abo usanga bazi neza ko ari abacumuzi be n’uko ari abanyagasembwa, bakaba bashashaye kugira impagararo yemewe na Yehova. Urazi ukuntu akamwemwe kabasya igihe bamenyeye mw’Ijambo ry’Imana yuko baramutse bigaye maze bakarondera guharirwa biciye ku nkuka y’incungu ya Kirisitu, bashobora kugira impagararo yemewe n’Imana!—Ivyakozwe 2:38; 10:43; 13:38, 39; Abaroma 5:19.

11, 12. (a) Abakirisu basizwe bashikira ubugororotsi gute? (b) Inyota abagenzi b’abakirisu basizwe bafitiye ukugororoka bayimarwa gute?

11 Yezu yavuze yuko abantu mwene abo bobaye abahirwe kubera yuko ‘boshize ipfa’ (Matayo 5:6, UB). Abakirisu basizwe bahamagariwe “kuganza” (UB) hamwe na Kirisitu mw’ijuru bitwa ‘abagororokeye ubuzima’ (Abaroma 5:1, 9, 16-18, NW). Yehova arabavyara, gutyo akabagira abana biwe bo mu buryo bw’impwemu. Baca bacika abaraganwa na Kirisitu, bahamagariwe kuba abami n’abaherezi mu ntwaro yiwe y’Ubwami yo mw’ijuru.—Yohana 3:3; 1 Petero 2:9.

12 Abagenzi b’abakirisu basizwe ntiharagera ko bitwa abagororokeye ubuzima. Ariko ntiwumve, Yehova arabita abagororotsi ku rugero runaka kubera yuko bizera amaraso ya Kirisitu yasesetse (Yakobo 2:22-25; Ivyahishuriwe 7:9, 10). Baharurwa ko ari abagororotsi kubera yuko ari abakunzi ba Yehova biteze kuzorokoka mu gihe ca “wa mubabaro mwinshi” (Ivyahishuriwe 7:14). Inyota bafitiye ukugororoka bazoyimarwa kandi igihe bazoba batwarwa n’“ijuru risha”, bari mu bagize isi nshasha izoba ‘irimwo ukugororoka’.—2 Petero 3:13; Zaburi 37:29.

Hahiriwe abanyakigongwe

13, 14. Ni mu buhe buryo buboneka twokwerekanamwo ko turi abanyakigongwe, kandi bizotumarira iki?

13 Mu kubandanya Insiguro yiwe yo ku musozi, Yezu yavuze ati: “Hahiriwe abanyakigongwe, kuko nabo bazokigirirwa” (Matayo 5:7, UB). Mu bijanye n’amategeko, ikigongwe gifatwa ko ari imbabazi umucamanza agirira inkozi y’ikibi mu kutayiha igihano cose nk’uko categekanijwe n’amategeko. Ariko rero, nk’uko akoreshwa muri Bibiliya, amajambo yo mu ntango yahinduwe ngo “ikigongwe” ahanini yerekeza ku buryo bwo kwitwararika abandi n’umutima mwiza canke n’impuhwe, bimwe bituma abagorwa bumva baruhuriwe. Muri ubwo buryo, abanyakigongwe rero barerekana ko ari abanyembabazi. Wa mugani wa Yezu werekeye Umusamariya w’imbabazi, ni akarorero keza k’umuntu ‘yagiriye imbabazi’ uwari n’ivyo akeneye.—Luka 10:29-37.

14 Kugira turonke agahimbare kava ku kuba abanyakigongwe, turakeneye gukorera ibikorwa vyiza biranga umutima mwiza abari n’ivyo bakeneye (Ab’i Galatiya 6:10). Yezu yarumvira imbabazi abantu yabona. “[Bamutera] akagongwe kuko [bari] bameze nk’intama zitagira umwungere: [aca] atangura kubigisha vyinshi” (Mariko 6:34). Yezu yabonye yuko ikintu nyamukuru abantu bakeneye ari ivy’impwemu. Na twebwe nyene turashobora kwerekana ko turi abanyembabazi n’abanyakigongwe mu gusangira n’abandi ikintu bakeneye kuruta ibindi vyose, na co kikaba ari “[u]butumwa bgiza bg’ubgami” (Matayo 24:14). Turashobora kandi gufasha mu buryo buboneka abakirisu bagenzi bacu bageze mu zabukuru, abapfakazi be n’impfuvyi, tukongera ‘tukaremesha ubugingo bwishwe n’intimba’ (1 Ab’i Tesalonike 5:14, NW; Imigani 12:25; Yakobo 1:27). Ivyo ntibizotuzanira agahimbare gusa, ariko kandi bizonatuma Yehova atwumvira ikigongwe.—Ivyakozwe 20:35; Yakobo 2:13.

Abafise imitima itanduye kandi baremesha amahoro

15. Dushobora gute kuba abafise imitima itanduye be n’abaremesha amahoro?

15 Yezu yerekanye yuko imvo igira gatandatu n’iyigira indwi zituma umuntu agira agahimbare ari izi: “Hahirwa abafise imitima itanduye, kukw ari bo bazobona Imana. Hahirwa ababanguranya [canke “abaremesha amahoro”, “UB”], kukw ari bo bazokwitwa abana b’Imana” (Matayo 5:8, 9). Umutima utanduye ni umutima udahumanye mu vy’inyifato runtu, utanduye mu buryo bw’impwemu kandi wibanda kuri Yehova utabangikanije (1 Ngoma 28:9; Zaburi 86:11). Ijambo ryo mu ntango ryahinduwe ngo “abaremesha amahoro”, urudome ku rundi risobanura ngo “ababanguranya”. Abantu baremesha amahoro babana mu mahoro n’abavukanyi babo bakirisu, kandi uko bibashobokera kwose bakabana mu mahoro n’ababanyi babo (Abaroma 12:17-21). ‘Bararondera amahoro kandi bakayakurikira’.—1 Petero 3:11.

16, 17. (a) Ni kubera iki abasizwe bitwa “abana b’Imana”, kandi ni mu buryo ki ‘babona Imana’? (b) Ni mu buhe buryo “izindi ntama” ‘babona Imana’? (c) “Izindi ntama” zizocika “abana b’Imana” gute mu buryo bushitse kandi ryari?

16 Abantu b’indemeshamahoro bafise imitima itanduye, basezeranirwa yuko “bazokwitwa abana b’Imana” be n’uko “bazobona Imana”. Abakirisu basizwe bavyarwa n’impwemu gutyo Yehova akabafata ko ari “abana” biwe kuva bakiri kw’isi (Abaroma 8:14-17). Iyo bazuwe kugira baje mw’ijuru kuba hamwe na Kirisitu, baca bakorera imbere ya Yehova kandi bakamubona vy’ukuri.—1 Yohana 3:1, 2; Ivyahishuriwe 4:9-11.

17 “Izindi ntama” b’indemeshamahoro bakorera Yehova barongowe na wa Mwungere mwiza Kirisitu Yezu, uno akaba ari we acika ‘Se wabo ahoraho’ (Yohana 10:14, 16; Yesaya 9:6). Abazorengana ikigeragezo ca nyuma c’inyuma ya ya Ntwaro ya Kirisitu y’imyaka igihumbi, Yehova azobagira abana biwe bo kw’isi, maze ‘bahabwe ukwidegemvya gufatana n’ubwiza bw’abana b’Imana’ (Abaroma 8:21; Ivyahishuriwe 20:7, 9). Magingo bakibirindiranye umushasharo, bita Yehova Se wabo kubera ko bamwegurira ubuzima bwabo, bakaba bemera icese ko ari we yabahaye ubuzima (Yesaya 64:8). Nka kumwe kwa Yobu na Musa ba kera, barashobora ‘kubona Imana’ bakoresheje amaso y’ukwizera (Yobu 42:5; Abaheburayo 11:27). Bakoresheje ‘amaso y’imitima yabo’, hamwe n’ubumenyi ntagakosa bafise bwerekeye Imana, barabona kamere zitangaje za Yehova maze bakihatira kumwigana mu gukora ivyo agomba.—Abanyefeso 1:18; Abaroma 1:19, 20; 3 Yohana 11.

18. Dufatiye ku mvo ndwi za mbere Yezu yavuze ko zituma umuntu agira agahimbare, ni bande bahimbawe vy’ukuri muri iki gihe?

18 Twabonye yuko abazi ko bakeneye ivy’impwemu, abatuntuye, abagwaneza, abafise inzara n’inyota vyo kugororoka, abanyakigongwe, abafise imitima itanduye be n’indemeshamahoro, baronkera agahimbare nyako mu gukorera Yehova. Ariko rero abantu mwene abo bamye barwanywa, mbere bakanahamwa. None ivyo vyoba bibononera agahimbare bifitiye? Ico kibazo kirihwezwa mu kiganiro gikurikira.

Mu gusubiramwo

• Abazi ko bakeneye ivy’impwemu bironkera akahe gahimbare?

• Abatuntuye bahumurizwa mu buhe buryo?

• Ubugwaneza tubugaragaza gute?

• Ni kubera iki dukwiye kuba abanyakigongwe, abafise imitima itanduye be n’indemeshamahoro?

[Ifoto ku rup. 10]

“Hahirwa abazi ko bakeneye ivy’impwemu”

[Amafoto ku rup. 10]

“Hahirwa abafise inzara n’inyota vyo kugororoka”

[Ifoto ku rup. 10]

“Hahiriwe abanyakigongwe”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika