Niwumire ku karorero Yezu yatanze
“Mbahaye akarorero, kugira ngo nk’uko jewe mbagiriye, abe ari ko namwe mugira”.—YOHANA 13:15.
1. Ni kubera iki Yezu ari akarorero abakirisu bokwigana?
MU BANTU bose babayeho, umuntu umwe gusa ni we yabayeho adacumura mu buzima bwiwe bwose. Uwo muntu ni Yezu. Uretse Yezu, “[n]ta muntu adacumura” (1 Abami 8:46; Abaroma 3:23). Ku bw’iyo mvo, abakirisu b’ukuri babona ko Yezu ari we karorero katagira agahaze bokwigana. Kukaba nkako, ku wa 14 Nisani mu 33 G.C., imbere gato y’urupfu rwiwe, Yezu ubwiwe yabwiye abayoboke biwe kumwigana. Yavuze ati: “Mbahaye akarorero, kugira ngo nk’uko jewe mbagiriye, abe ari ko namwe mugira” (Yohana 13:15). Muri iryo joro rya nyuma, Yezu yaravuze uburyo butari buke abakirisu bakwiye kwihatira kumera nka we. Muri iki kiganiro, turihweza bumwebumwe muri ubwo buryo.
Ukwicisha bugufi kurakenewe
2, 3. Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yezu yari akarorero katagira agahaze k’ukwicisha bugufi?
2 Igihe Yezu yahimiriza abigishwa biwe gukurikira akarorero yatanze, yariko avuga ukwicisha bugufi. Incuro zitari nke, yari yarahanuye abayoboke biwe kwicisha bugufi, maze mw’ijoro ryo ku wa 14 Nisani arerekana ukwicisha bugufi kwiwe bwite mu kwoza ibirenge vy’intumwa ziwe. Yezu yaciye avuga ati: “Ko jewe mbogeje ibirenge, ndi Shobuja n’Umwigisha, namwe mukwiye kwozanya ibirenge” (Yohana 13:14). Ivyo biheze, yaciye abwira intumwa ziwe gukurikira akarorero yari atanze. Kandi ese ukuntu ako kari akarorero keza ko kwicisha bugufi!
3 Intumwa Paulo atubwira ko imbere y’uko Yezu aza kw’isi “yar’asanganywe ishusho y’Imana”. Naho vyari ukwo, yisize ubusa acika umuntu aciye bugufi. Ikindi kandi, “yicish[ije] bugufi, araga[mbur]uka no gushitsa ku rupfu, kand’urupfu rwo ku [“giti c’ukubabarizwako”, NW]” (Ab’i Filipi 2:6-8). Zirikana gato kuri ico kintu. Yezu, we muntu agira kabiri ahambaye kuruta abandi bose mw’ijuru no kw’isi, yaremeye kuba munsi y’abamarayika, kuvuka ari akayoya ata co kishoboje, gukura ayobokera abavyeyi b’abanyagasembwa, eka amaherezo aremera gupfa nk’inkozi y’ikibi ikengeretse (Ab’i Kolosayi 1:15, 16; Abaheburayo 2:6, 7). Mbega ukwicisha bugufi! Vyoba bishoboka kwigana uwo “mutima” no gutsimbataza bene ukwo ‘kwicisha bugufi’ (Ab’i Filipi 2:3-5)? Gushoboka birashoboka, mugabo ntivyoroshe.
4. Ni ibintu ibihe bituma abantu bibona, mugabo ni kubera iki ubwibone butera akaga?
4 Igihushane c’ukwicisha bugufi ni ubwibone (Imigani 6:16-19). Ubwibone bwatumye Shetani atemba (1 Timoteyo 3:6). Burashinga imizi mu mitima y’abantu bitagoranye, kandi iyo bumaze kuvyagirayo, biragora kubukurayo. Abantu usanga bibona biturutse ku gihugu cabo, ubwoko bwabo, amatungo yabo, amashure bize, ivyo bashitseko mw’isi, ikibanza bafise mu kibano, ukuntu basa, ububangukirwe bafise mu vy’inkino, bakongera bakibona bishimikije ibindi bintu vyinshi. Yamara, nta na kimwe muri ivyo bintu gihambaye kuri Yehova (1 Ab’i Korinto 4:7). Kandi igihe ivyo bintu bitumye tuba abibona, bironona ubucuti tuba dufitaniye na we. “Uhoraho a[ra]hambaye, ashira umutima ku bafafara, arikw abībone abamenyera kure”.—Zaburi 138:6; Imigani 8:13.
Twicishe bugufi mu bavukanyi bacu
5. Ni kubera iki bihambaye ko abakurambere bicisha bugufi?
5 Mbere n’ivyo dufasha mu murimo wa Yehova hamwe n’ivyo dushikako muri wo ntibikwiye gutuma twibona. N’amabanga tujejwe mw’ishengero ni kwo kw’ukwo (1 Ngoma 29:14; 1 Timoteyo 6:17, 18). Mu bisanzwe, uko turushiriza kuzezwa amabanga ahambaye, ni ko dukenera kurushiriza kwicisha bugufi. Intumwa Petero yahimirije abakurambere ‘kutaragira nk’abatwaza amanyama amasho bagabanganirijwe, ahubwo bakaba ivyitegererezo vy’ubusho’ (1 Petero 5:3). Abakurambere bagenwa kugira ngo babe abasuku be n’uburorero, si ukugira ngo babe abami n’abaganza abandi.—Luka 22:24-26; 2 Ab’i Korinto 1:24.
6. Ni mu yihe mice y’ubuzima bwa gikirisu dukenera ukwicisha bugufi?
6 Abakurambere si bo bonyene bakeneye kwicisha bugufi. Petero yandikiye abakungu ari bo basore, abo na bo bakaba bohava bibona kubera bafise ubwenge bubangutse n’imibiri ikomeye ubigereranije n’ivy’ababaruta, ati: “Mukenyere ukwicisha bugufi kugira ngo mukorerane: kukw Imana irwanya abībona, arikw abicisha bugufi ikabaha ubuntu” (1 Petero 5:5). Erega ni vyo, ukwicisha bugufi nka kumwe kwa Kirisitu kurahambaye kuri twese. Bisaba ukwicisha bugufi kugira ngo twamamaze inkuru nziza, na canecane igihe duhuye n’abantu batabinegwa canke batatwerekwa. Bisaba ukwicisha bugufi kugira twemere impanuro canke kugira tworoshe ubuzima bwacu mu ntumbero yo kwongereza uruhara tugira mu busuku. Vyongeye, turakeneye ukwicisha bugufi hamwe n’ukwizera tubigiranye umutima rugabo igihe twihanganira amajambo yo kutunebagura avugwa mu bimenyeshamakuru, igihe twitwariwe, canke igihe turwanywa bunyamaswa.—1 Petero 5:6.
7, 8. Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe dushobora gutsimbataza ukwicisha bugufi?
7 Umuntu ashobora gute gutsinda ubwibone maze akigenza mu buryo buranga ‘ukwicisha bugufi, yiyumvira yuko mugenzi we amuruta’ (Ab’i Filipi 2:3)? Akeneye kubona ibimwerekeye nk’uko Yehova abibona. Yezu yarasiguye uburyo bwiza umuntu akwiye kubona ibimwerekeye, igihe yavuga ati: “Namwe . . . , ni mwaheza gukora ivyo mwagezweko vyose, muvuge, muti Tur’abagurano b’imburakimazi, twakoze ivyo dukwiye gukora gusa” (Luka 17:10). Uribuka yuko ata kintu na kimwe twokora coruha cegereza ivyo Yezu yakoze. Yamara, Yezu yari umuntu yicisha bugufi.
8 Ikindi kandi, turashobora gusaba Yehova ngo adufashe gutsimbataza ukubona ibitwerekeye mu buryo bubereye. Cokimwe n’umwanditsi wa Zaburi, turashobora gusenga duti: “N’unyigishe guhitamwo neza no kumenya ubgenge; kuko nizeye amabgirizwa yawe” (Zaburi 119:66). Yehova azodufasha gutsimbataza ukubona ibitwerekeye mu buryo bwumvikana kandi butarengeje urugero, yongere aduhezagire ku bw’inyifato yacu iranga ukwicisha bugufi (Imigani 18:12). Yezu yavuze ati: “Ūzokwishira hejuru azocishwa bugufi, kand’ūzokwicisha bugufi azoshirwa hejuru”.—Matayo 23:12.
Ukubona ikibi n’iciza mu buryo bubereye
9. Yezu yabona gute ikibi n’iciza?
9 Naho Yezu yamaze imyaka 33 aba mu bantu b’abanyagasembwa, “nta caha yakoze” (Abaheburayo 4:15). Kukaba nkako, igihe umwanditsi wa Zaburi yariko abura ivyerekeye Mesiya, yavuze ati: “Wakunze ukugororoka, wanka ubugarariji” (Zaburi 45:7; Abaheburayo 1:9). No muri ivyo nyene, abakirisu barihatira kwigana Yezu. Ntibamenya gusa gutandukanya ikibi n’iciza; baranka ikibi maze bagakunda iciza (Amosi 5:15). Ivyo birabafasha kurwanya impengamiro bavukanye yo gukora icaha.—Itanguriro 8:21; Abaroma 7:21-25.
10. Mu gihe tumogorera gukora “ibibi” ntitwigaye, tuba turiko twerekana inyifato iyihe?
10 Yezu yabwiye wa Mufarizayo Nikodemu ati: “Ūkora ibibi wese yanka umuco, kandi ntaza ku muco, kugira ngw ibikorwa vyiwe ntibihanwe. Arik’ūkora ivy’ukuri aza ku muco, kugira ngw ibikorwa vyiwe biseruke ko vyakorewe mu Mana” (Yohana 3:20, 21). Rimbura iki kintu: Yohani yavuze ko Yezu ari we “muco w’ukuri, wākira umuntu wese” (Yohana 1:9, 10). Ariko rero, Yezu yavuze ko mu gihe dukora “ibibi”, ni ukuvuga ibintu bitabereye kandi bitemerwa n’Imana, tuba twanse umuco. Iyumvire nawe kwanka Yezu be n’ingingo mfatirwako yadushiriyeho! Yamara, iyo ni yo mpagararo y’abamogorera ivyaha ntibigaye. Hari aho batoba babona yuko banka Yezu be n’ingingo mfatirwako ziwe, mugabo biratomoye neza yuko Yezu wewe ari ko abibona.
Ingene twotsimbataza ukubona ikibi n’iciza nk’uko Yezu yabibona
11. Ni ibiki bihambaye nimba dushaka gutsimbataza ukubona ikibi n’iciza nk’uko Yezu yabibona?
11 Turakeneye gutahura neza ikibi n’iciza twisunze ukuntu Yehova abona ibintu. Nta handi turonkera ukwo gutahura atari mu kwiga Ijambo ry’Imana Bibiliya. Uko tugira inyigisho nk’iyo, turakenera gusenga nka kumwe umwanditsi wa Zaburi yasenga ati: “Uhoraho, nyereka inzira zawe, nyigisha amarango yawe” (Zaburi 25:4). Ariko rero, uribuka yuko Shetani ari umunyarwenge (2 Ab’i Korinto 11:14). Arashobora kuyoberanya ikibi maze agatuma kiboneka yuko kibereye ku bakirisu basamara. Kubera ico, turakeneye kuzirikana rwose ku vyo twiga tukongera tugatega yompi impanuro zitangwa na wa “mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge” (Matayo 24:45-47). Kwiga, gusenga, hamwe no kuzirikana ku vyo twiga bizodufasha kuba abantu bahumuye no kuba mu “bafise ubgenge [canke, “ububasha bwo gutegera”, NW] maze kubgo kwama babukoresha, bumogorera [canke, “bumenyerezwa”, NW] gutandukanya ikibi n’iciza” (Abaheburayo 5:14). Tuzoheza tugire agatima ko kwanka ikibi no gukunda iciza.
12. Ni impanuro ya Bibiliya iyihe idufasha kudakora ivy’ukugabitanya?
12 Nimba twanka ikibi, ntituzoreka ngo ukwipfuza ibintu bibi gutsimbatare mu mitima yacu. Inyuma y’imyaka myinshi Yezu apfuye, intumwa Yohani yanditse ati: “Ntimugakunde isi, cank’ibiri mw isi. Umuntu ni yakunda isi, ugukunda Data wa twese ntikuzoba kuri muri we. Kukw ikiri mw isi cose ar’ivyifuzo vy’umubiri, n’ivyifuzo vy’amaso, n’ubgibone bg’ubu bugingo, bitanduruka kuri Data wa twese, ariko vyanduruka mw isi”.—1 Yohana 2:15, 16.
13, 14. (a) Ni kubera iki ugukunda ibintu vyo mw’isi birimwo akaga ku bakirisu? (b) Twokwirinda gute gutsimbataza ugukunda ibintu vyo mw’isi?
13 Hari abohava biyumvira yuko ibintu vyo mw’isi vyose atari bibi. Ego ivyo ni vyo, yamara isi be n’ibikwegakwega vyo muri yo birashobora kutubuza gukorera Yehova. Kandi nta kintu na kimwe mu vyo isi itanga cagenewe gutuma turushiriza kwiyegereza Imana. Kubera ico, dutsimbataje ugukunda ibintu vyo mw’isi, mbere n’ibintu ubwavyo vyoba atari bibi, tuba turi ahanyerera (1 Timoteyo 6:9, 10). Ikindi kandi, vyinshi cane mu bintu vyo mw’isi mu vy’ukuri ni bibi kandi birashobora kutwonona. Hamwe twororera amasinema canke ibiganiro vyo kuri televiziyo vyerekana ubukazi, uguhahamira amaronko, canke ubushegabo, ivyo bintu vyoshobora gucika ibintu ata co bitwaye, hanyuma bikatwosha nabi. Hamwe twokwifatanya n’abantu usanga ikintu ca mbere kibaraza ishinga ari ukwisununura mu kuntu babayeho canke ukurondera uturyo dutuma bagwiza itunga, ivyo bintu vyoshobora gucika ibihambaye kuruta ibindi kuri twebwe.—Matayo 6:24; 1 Ab’i Korinto 15:33.
14 Mugabo nitwahimbarwa n’Ijambo rya Yehova, “ivyifuzo vy’umubiri, n’ivyifuzo vy’amaso, n’ubgibone bg’ubu bugingo” ntibizoba bikidukwegakwega rwose. Vyongeye, nitwifatanya n’abashira ivyungura Ubwami bw’Imana mu kibanza ca mbere, tuzoba nka bo, dukunde ivyo bakunda twongere twirinde ivyo birinda.—Zaburi 15:4; Imigani 13:20.
15. Nk’uko vyagenze kuri Yezu, gukunda ukugororoka be no kwanka ukugabitanya bizodukomeza gute?
15 Kwanka ukugabitanya no gukunda ukugororoka vyarafashije Yezu kuguma ahanze amaso “umunezero yashizwe imbere” (Abaheburayo 12:2). Natwe nyene birashobora kutugendera gutyo. Turazi yuko “isi irikw irashirana n’ivyifuzo vyayo”. Ukuryoherwa ukwo ari kwo kwose iyi si itanga ni ukw’akanya gato gusa. Ariko rero, “ūkora ivy’Imana igomba yamah’ibihe bidashira” (1 Yohana 2:17). Kubera ko Yezu yakoze ivyo Imana igomba, yatumye abantu bibashobokera kuzoronka ubuzima budahera (1 Yohana 5:13). Nimuze twese tumwigane, maze twungukire ku kuba yagumye ari intadohoka.
Guhangana n’uruhamo
16. Ni kubera iki Yezu yahimirije abayoboke biwe gukundana?
16 Yezu yarerekanye ubundi buryo abigishwa biwe bomwiganye, mu kuvuga ati: “Ngiki icagezwe canje: ni mukundane, nk’uko nabakunze” (Yohana 15:12, 13, 17). Hariho imvo nyinshi zituma abakirisu bakunda abavukanyi babo. Ico gihe Yezu ahanini yari afise ku muzirikanyi urwanko ruvuye mw’isi rwoshikiye abo bigishwa. Yavuze ati: “Isi ni yabanka, mumenye ko jewe yabanje kunyanka, itarabanka. . . . Umushumba ntaruta shebuja; namba bārampamye, namwe bazobahama” (Yohana 15:18, 20). Ego cane, mbere no mu guhamwa abakirisu baba bameze nka Yezu. Barakeneye gutsimbataza ubucuti bukomeye kandi bwuzuye urukundo bubafasha kwihanganira urwo rwanko.
17. Ni kubera iki isi yanka abakirisu b’ukuri?
17 Ni kubera iki isi yokwanse abakirisu? Kubera ko ‘atari ab’isi’, nk’uko Yezu atari uw’isi (Yohana 17:14, 16). Ntibisuka mu bibazo vya politike be no mu vy’igisoda, kandi barakurikiza ingingo ngenderwako za Bibiliya, bakubaha ubweranda bw’ubuzima kandi bakabaho bisunga ingingo mfatirwako ziri hejuru zijanye n’inyifato runtu (Ivyakozwe 15:28, 29; 1 Ab’i Korinto 6:9-11). Amahangiro bashira imbere ni ayo mu vy’impwemu, si ayo mu vy’umubiri. Baba mw’isi, mugabo nk’uko Paulo yanditse, “[ntibay]ikoresha nka cane” (1 Abakorenti 7:31, UB). Ego ni ko, hari abaserura yuko bashima ingingo mfatirwako ziri hejuru Ivyabona vya Yehova bisunga. Mugabo Ivyabona vya Yehova ntibadohoka ku vyo bizera barondera gushimwa canke kwemerwa n’abantu. Ivyo bituma abantu benshi mw’isi batabatahura, n’abatari bake bakabanka.
18, 19. Mu gukurikiza akarorero ka Yezu, abakirisu bifata gute mu ruhamo be n’igihe bariko bararwanywa?
18 Intumwa za Yezu bariboneye urwanko rukomeye rw’isi igihe Yezu yafatwa maze akicwa, baribonera n’ingene Yezu yarwifatamwo. Mw’itongo ry’i Getsemane, abanyamadini barwanya Yezu baraje kumufata. Petero yaragerageje kumurwanira akoresheje inkota, mugabo Yezu yaciye abwira Petero ati: “Subiza inkota yawe ahayo; kukw ababanguye inkota bose bazokwicwa n’inkota” (Matayo 26:52; Luka 22:50, 51). Mu bihe vya kera, Abisirayeli barwanya abansi babo bakoresheje inkota. Ariko rero, ico gihe ca Yezu hoho ibintu vyari vyarahindutse. Ubwami bw’Imana ‘ntibwari ubwo muri iyi si’, bukaba rero butari bufise imbibe z’igihugu kinaka bwabwirizwa gukingira (Yohana 18:36). Bidatevye Petero yokwinjiye mw’ihanga ryo mu buryo bw’impwemu, abarigize bakaba bobaye mw’ijuru (Ab’i Galatiya 6:16; Ab’i Filipi 3:20, 21). Kuva ico gihe rero, abayoboke ba Yezu bohanganye n’urwanko be n’uruhamo nk’uko Yezu yabigenjeje, ni ukuvuga badatinya, mugabo mu mahoro. Babigiranye umutima mu nda, borekeye ibintu mu maboko ya Yehova bakongera bakamwihekako kugira ngo abaronse inkomezi zo kwihangana.—Luka 22:42.
19 Haciye imyaka, Petero yanditse ati: “Kristo ya[ra]bababarijwe, [a]basigarana icitegererezo, kugira ngo mugere ikirenge mu ciwe. . . . Yaratutswe, ntiyabasubiza; yarababajwe, ntiyabahigira; ariko yiha Īdaca urwa nkunzi” (1 Petero 2:21-23). Nk’uko nyene Yezu yari yarabibaburiye, abakirisu barahamwe bunyamaswa uko imyaka yagiye irarengana. Mu kinjana ca mbere no muri iki gihe cacu, barakurikije akarorero ka Yezu maze barasiga inkuru y’akaroruhore y’ukuntu bihanganye badahemuka, baragaragaza yuko baguma ari intadohoka, ivyo bakabigira ata we bagiriye nabi (Ivyahishuriwe 2:9, 10). Ese na twebwe twese twoza turavyifatamwo gutyo igihe duhanganye n’ibintu nk’ivyo!—2 Timoteyo 3:12.
“Mwambare Umwami Yesu Kristo”
20-22. Ni mu buryo ubuhe abakirisu ‘bambara Umwami Yezu Kirisitu’?
20 Paulo yandikiye ishengero ry’i Roma ati: “Mwambare Umwami Yesu Kristo, kandi ntimubabare ivy’umubiri, ngo mukore ivyo wifuza” (Abaroma 13:14). Abakirisu barambara Yezu nk’impuzu, tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo. Barihatira kwigana kamere ziwe n’ibikorwa vyiwe gushika aho bamera nka Shebuja wabo, naho ari abanyagasembwa.—1 Ab’i Tesalonike 1:6.
21 Turashobora ‘kwambara Umwami Yezu Kirisitu’ mu gihe twomenya ubuzima bw’uwo Databuja tukongera tukihatira kubaho nk’uko yabayeho. Turigana ukwicisha bugufi kwiwe, ugukunda ubugororotsi kwiwe, ukwanka ivy’ukugabitanya nk’uko yavyanka, ugukunda abavukanyi kwiwe, ukutaba uw’isi kwiwe, be n’ukuntu yihanganiye imibabaro. ‘Ntitubabara ivy’umubiri, ngo dukore ivyo wifuza’, ivyo bikaba bishaka kuvuga yuko ugushikira amahangiro y’ivy’umubiri canke uguhaza ukwipfuza kw’umubiri tutabigira yo ntumbero nyamukuru mu buzima bwacu. Ahubwo riho, igihe dufata ingingo yinaka canke igihe turondera gutorera umuti ingorane yinaka, turibaza duti: ‘Yezu yokora iki mu bihe nk’ibi? Yokwipfuza ko nkora iki?’.
22 Ubwa nyuma, turigana Yezu mu kuguma dufise vyinshi dukora mu “[kuvuga] ubutumwa bgiza” (Matayo 4:23; 1 Ab’i Korinto 15:58). No muri ubwo buryo nyene, abakirisu barakurikiza akarorero Yezu yatanze. Ikiganiro gikurikira kiraca irya n’ino ingene bagakurikiza.
Woshobora kubisigura?
• Ni kubera iki bihambaye ko abakirisu bicisha bugufi?
• Dushobora gute gutsimbataza ukubona ikibi n’iciza mu buryo bubereye?
• Ni mu buryo ubuhe abakirisu bigana Yezu mu kuntu bifata iyo barwanijwe canke bagahamwa?
• Bishoboka gute ‘kwambara Umwami Yezu Kirisitu’?
[Ifoto ku rup. 7]
Yezu yaratanze akarorero katagira agahaze k’ukwicisha bugufi
[Ifoto ku rup. 8]
Imice yose y’ubuzima bwa gikirisu, ushizemwo n’ukwamamaza, isaba ukwicisha bugufi
[Ifoto ku rup. 9]
Shetani arashobora gutuma ukwinezereza kutabereye gusa n’ukutagira ico gutwaye ku mukirisu
[Ifoto ku rup. 10]
Urukundo rw’abavukanyi bacu ruzodukomeza twihanganire ukurwanywa