ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/3 rup. 15-20
  • “Mwaguzwe igiciro”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Mwaguzwe igiciro”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Mube mukorera vyose gushimisha Imana”
  • “Twakoze ivyo dukwiye gukora gusa”
  • Nturabe ‘ivyasigaye inyuma’
  • “Mufise imbuto zanyu”
  • “Mushumbire Yehova”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Baravuye mu buja, kera no muri iki gihe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/3 rup. 15-20

“Mwaguzwe igiciro”

“Mwaguzwe igiciro. Nuko rero, mushimishe Imana”.​—1 AB’I KORINTO 6:20.

1, 2. (a) Twisunze Ivyagezwe vya Musa, abagurano b’Abisirayeli bategerezwa gufatwa gute? (b) Umugurano yaba akunda shebuja yashobora guhitamwo iki?

“UBUJA bwari bugwiriye kandi bwemewe henshi mw’isi mu bihe vya kera”. Ivyo bivugwa n’igitabu kimwe c’inyizamvugo (Holman Illustrated Bible Dictionary). Congerako giti: “Ubutunzi bwa Misiri, ubw’Ubugiriki be n’ubw’Uburoma, bwari bushingiye ku bikorwa vyakorwa n’abagurano. Mu kinjana ca mbere c’ubukirisu, mu gihugu c’Ubutaliyano umuntu umwe kuri batatu yari umugurano, mu bindi bihugu na ho ico gitigiri cari umwe kuri batanu”.

2 Naho ivy’ubuja vyagirwa no muri Isirayeli ya kera, Ivyagezwe vya Musa vyari bitunganijwe ku buryo abagurano b’Abaheburayo bakingirwa. Nk’akarorero, Ivyagezwe vyategeka yuko Umwisirayeli atashobora kurenza imyaka itandatu ari umugurano. Mu mwaka ugira indwi, yategerezwa ‘kurekurwa, akibera mu mwidegemvyo, ata co yicunguje’. Amategeko yagenga ingene abagurano bafatwa ntiyacinyiza na gato, kandi yarangwa ubuntu ku buryo Ivyagezwe vya Musa vyarimwo itegeko rigira riti: “Uwo mugurano ni yavuga amaramaje, ati Nkunda databuja n’umugore wanje n’abana banje, singomba kurekurwa ngo nje mu mwidegemvyo: shebuja amuzane aho ndi, jewe Imana, aheze amuhagarike ku rugi canke ku gishimaryango, amutoboze ugutwi umugera; uwo az’arinde apfa akimujākariye”.​—Kuvayo 21:2-6; Abalewi 25:42, 43; Gusubira mu vyagezwe 15:12-18.

3. (a) Ni ubugurano nyabaki abakirisu bo mu kinjana ca mbere bemeye kujamwo? (b) Ni igiki kituvyurira umutima wo gukorera Imana?

3 Ivyo kuba abagurano bavyishakiye vyari igitutu c’ubwoko bw’ubugurano abakirisu b’ukuri barimwo. Nk’akarorero, abanditsi ba Bibiliya nka Paulo, Yakobo, Petero na Yuda, bidondoye ko ari abagurano b’Imana na Kirisitu (Tito 1:1; Yakobo 1:1; 2 Petero 1:1; Yuda 1). Paulo yaribukije abakirisu b’i Tesalonike yuko ‘bahindukiriye Imana, bagaheba ibigirwamana, ngo bakorere Imana nyakuri kandi nzima’ (1 Ab’i Tesalonike 1:9). Ni igiki catumye abo bakirisu bemera kuba abagurano b’Imana bavyishakiye? Nkako, ni igiki catuma wa mugurano w’Umwisirayeli yemera guheba umwidegemvyo yoronse? None ntiyabitumwa n’urukundo yakunda shebuja? Ubugurano abakirisu barimwo bushingiye ku rukundo bakunda Imana. Iyo tumenye ya Mana y’ukuri kandi nzima tukongera tukayikunda, duca twumva twoyikorera ‘n’umutima wacu wose n’ubugingo bwacu bwose’ (Gusubira mu vyagezwe 10:12, 13). None kuba abagurano b’Imana na Kirisitu birimwo ibiki? Ivyo bikora iki ku buzima bwacu bwa misi yose?

“Mube mukorera vyose gushimisha Imana”

4. Ducika gute abagurano b’Imana na Kirisitu?

4 Umugurano yadondowe ko ari “umuntu yegukira uwundi muntu canke abandi bantu, akaba rero abwirizwa kugamburuka muri vyose”. Iyo tweguriye Yehova ubuzima bwacu maze tukabatizwa, tuba ducitse inyegu yiwe. Intumwa Paulo asigura ati: “Si mwe mwiganza, kuko mwaguzwe igiciro” (1 Ab’i Korinto 6:19, 20). Ico giciro rero si ikindi atari ya nkuka y’incungu ya Yezu Kirisitu, kubera yuko ari yo Yehova yishimikiza kugira ngo yemere ko tuba abasavyi biwe, twaba turi abakirisu basizwe canke turi bagenzi babo bafise icizigiro co kuba kw’isi (Abanyefeso 1:7; 2:13; Ivyahishuriwe 5:9). Rero, kuva umusi tubatizwa, ‘turi aba Yehova’ (Abaroma 14:8, NW). Kubera yuko twaguzwe amaraso y’igiciro kinini ya Yezu Kirisitu, duca kandi tuba abagurano biwe tukaba rero dutegerezwa kugamburuka amabwirizwa yiwe.​—1 Petero 1:18, 19.

5. Twebwe abasavyi ba Yehova, ibanga nyamukuru tujejwe ni irihe, kandi tworishitsa gute?

5 Abagurano bategerezwa kugamburukira bashebuja babo. Ubugurano bwacu tubwinjiramwo tuvyishakiye tubitumwe n’urukundo dukunda Databuja wacu. Muri 1 Yohana 5:3 havuga hati: “Ugukunda Imana [ni] uku, n’uko twitondera ivyagezwe vyayo: kand’ivyagezwe vyayo ntibigora”. Ukugamburuka kwacu rero ni icerekana urukundo dufise be n’ukuyoboka kwacu. Ukwo kugamburuka kuribonekeza mu vyo dukora vyose. Paulo yavuze ati: “Nukw iyo murya, canke munywa, canke mukora ikindi kintu cose, mube mukorera vyose gushimisha Imana” (1 Ab’i Korinto 10:31). Mu buzima bwa misi yose, mbere no mu tuntu dutoduto, dushaka kwerekana ko ‘dukorera Yehova nk’abashumba’.​—Abaroma 12:11, NW.

6. Kuba abagurano b’Imana bikora iki ku ngingo dufata mu buzima? Bitangire akarorero.

6 Nk’akarorero, igihe dufata ingingo, dushaka kwiyubara ngo ntitwirengagize ivyo Databuja wacu wo mw’ijuru Yehova agomba (Malaki 1:6). Ingingo zigoye gufata zirashobora kwerekana nimba tugamburukira Imana canke tutayigamburukira. Twoba none tuzokwumvira impanuro iduha aho gukurikiza impengamiro z’umutima wacu “[wi]besha” kandi “urwaye indwara itavūrwa” (Yeremiya 17:9)? Uwitwa Melisa, akaba ari umukirisu atarubaka, hari haciye igihe gito cane abatijwe igihe umusore umwe yamugomwa. Uwo musore umuravye yari intore, kandi yari amaze gutangura kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Ariko rero, umukurambere umwe yarabwiye Melisa yuko biranga ubukerebutsi gukurikiza itegeko rya Yehova risaba kwubaka “mu Mwami [gusa]” (1 Ab’i Korinto 7:39; 2 Ab’i Korinto 6:14). Melisa yiyemerera ati: “Ntivyanyoroheye gukurikiza iyo mpanuro. Mugabo kubera yuko nari nariyeguriye Imana kugira nkore ivyo igomba, naciye mfata ingingo yo kugamburuka amabwirizwa yayo atomoye”. Melisa akubitije agatima ku vyashitse, avuga ati: “Ndanezerewe rwose kubona narakurikije iyo mpanuro. Nya musore ntiyatevye guhagarika kwiga Bibiliya. Iyo nza kubandanya iyo migenderanire, ubu mba nubakanye n’uwutizera”.

7, 8. (a) Ni kubera iki tutorazwa ishinga birenze urugero n’uguhimbara abantu? (b) Tanga akarorero k’ingene umuntu yoshobora gutsinda ugutinya abantu.

7 Kubera yuko turi abagurano b’Imana, ntidukwiye gucika abagurano b’abantu (1 Ab’i Korinto 7:23). Ego ni ko, nta n’umwe muri twebwe yoshima ko abandi batamuha nirwere. Ariko rero, dukwiye kwamiza ku mutima yuko ingingo abakirisu bisunga zitandukanye n’izo isi yisunga. Paulo yabajije ati: “Ndondera kunezereza abantu?”. Yishuye ati: “Iyo mba nkinezereza abantu, simba nd’umugurano wa Kristo” (Ab’i Galatiya 1:10). Ntidukwiye kugondozwa n’akosho k’urunganwe ngo ducike abanezereza abantu. None twokora iki igihe duhatiwe kumera nk’uko abandi bameze?

8 Rimbura ivyashikiye umukirisu akiri muto wo muri Esupanye yitwa Elena. Abanyeshure batari bake bigana baratanga amaraso. Bari bazi yuko Elena atokwemera gutanga amaraso canke kuyaterwa kubera yuko ari Icabona ca Yehova. Igihe haboneka akaryo k’uko asigurira ishure ryose impagararo yiwe, Elena yaremeye gushikiriza ikiganiro. Elena yigana ati: “Mvugishije ukuri, vyarampagaritse umutima. Ariko nariteguye neza, kandi vyagenze neza uko ntabiziga. Vyatumye benshi mu bo twigana banyubaha, umwigisha na we ambarira yuko ashima igikorwa nkora. Hejuru ya vyose, narahimbawe n’uko mburaniye izina rya Yehova nkongera nkaba nashoboye gusigura neza imvo zishigikira impagararo yanje ishingiye ku Vyanditswe” (Itanguriro 9:3, 4; Ivyakozwe 15:28, 29). Ego ni ko, kuba turi abagurano b’Imana na Kirisitu biradutandukanya n’abandi. Ariko rero, twoshobora gutuma abantu batwubaha mu gihe tuba twiteguriye kuburanira ivyo twemera tubigiranye icubahiro.​—1 Petero 3:15.

9. Twigira iki ku mumarayika yabonekeye intumwa Yohani?

9 Kwibuka yuko turi abagurano b’Imana na vyo nyene birashobora kudufasha kuguma duciye bugufi. Igihe kimwe, intumwa Yohani yarakozwe ku mutima cane n’ibintu bitangaje yeretswe bijanye na Yeruzalemu yo mw’ijuru, gushika n’aho yikubita imbere y’ibirenge vy’umumarayika yari yakoze bwa muvugizi w’Imana ngo amusenge. Uwo mumarayika yaciye amubwira ati: “Oya sigaho; nd’umugurano mugenzawe, kandi ndi mugenzi wa bene So, abavugishwa n’Imana, n’uw’abitondera amajambo y’iki gitabo. Imana ba ari yo usenga” (Ivyahishuriwe 22:8, 9). Ese ukuntu ako ari akarorero keza uwo mumarayika yasigiye abagurano b’Imana bose! Abakirisu bamwebamwe boshobora kuba bajejwe amabanga ahambaye mw’ishengero. Ariko rero, Yezu yavuze ati: “Ūgomba kuba mukuru muri mwebge az’abe umukozi wanyu; kand’ūgomba kuba uw’imbere az’abe umuja wanyu” (Matayo 20:26, 27). Kubera turi abayoboke ba Yezu, twese turi abagurano.

“Twakoze ivyo dukwiye gukora gusa”

10. Tanga uburorero bwo mu Vyanditswe bwerekana ko abasavyi b’Imana b’intahemuka batamye boroherwa no gukora ivyo igomba.

10 Gukora ivyo Imana igomba ntivyama vyoroshe ku bantu b’abanyagasembwa. Umuhanuzi Musa yabanje kugonanwa igihe Yehova yamusaba kuja gukura Abisirayeli mu buja bwo mu Misiri (Kuvayo 3:10, 11; 4:1, 10). Yona akimara gushingwa igikorwa co gutangaza ubutumwa bw’urubanza rwoshikijwe ku bantu b’i Ninewe, yaciye “ava hasi ngw ahungire Uhoraho i Tarushishi, ave mu nyonga ziwe” (Yona 1:2, 3). Baruki wa mukarani w’umuhanuzi Yeremiya, yaridoze avuga yuko arembejwe n’uburuhe (Yeremiya 45:2, 3). Twobikika gute igihe ivyipfuzo vyacu canke ivyo twikundira dusanze bihushanye n’ugukora ivyo Imana igomba? Ikigereranyo kimwe Yezu yatanze kiraduha inyishu.

11, 12. (a) Igana muri make ikigereranyo Yezu yatanze dusanga muri Luka 17:7-10. (b) Ico kigereranyo Yezu yatanze kitwigisha iki?

11 Yezu yavuze ivy’umugurano yari yiriwe kuragira umukuku wa shebuja mu gahinga. Igihe uwo mugurano yashika i muhira yarushe yasanzaye kubera yamaze amasaha ashika 12 ariko aracumukura, shebuja ntiyamubariye ati Ingo wicare ufungure utwokurya turyoshe. Ahubwo shebuja yavuze ati: “Arura ivyo kurya vyanje, ukenyere, ungaburire, gushitsa aho mpereza kurya no kunywa, nawe hanyuma ubone kurya no kunywa”. Uwo mugurano ntiyashobora kwironsa ivyo akeneye atabanje kugaburira shebuja. Yezu yasozereye ico kigereranyo mu kuvuga ati: “Abe ari ko namwe mugira, ni mwaheza gukora ivyo mwagezweko vyose, muvuge, muti Tur’abagurano b’imburakimazi, twakoze ivyo dukwiye gukora gusa”.​—Luka 17:7-10.

12 Yezu ntiyatanze ico kigereranyo kugira yerekane ko Yehova adashima ivyo turangura mu murimo wiwe. Bibiliya ivuga itomora iti: “Imana ntigabitanya ngo yibagire ibikorwa vyanyu n’urukundo mwerekanye ko mukunze izina ryayo, kuko mwātunga abera, na none mukibatunze” (Abaheburayo 6:10). Ahubwo iciyumviro kiri muri uwo mugani wa Yezu ni ic’uko umugurano adashobora kwinezereza canke ngo yibande ku vyo kurondera ibituma yimerererwa neza. Hamwe twiyegurira Imana tukongera tugahitamwo kuba abagurano bayo, twemeye gushira ivyo igomba imbere y’ivyo ubwacu tugomba. Ivyo ubwacu tugomba bitegerezwa kuza inyuma y’ivyo Imana igomba.

13, 14. (a) Ni ryari twosanga ari ngombwa ko turengera impengamiro zacu? (b) Ni kubera iki dukwiye kureka ivyo Imana igomba bikaba ari vyo bija imbere?

13 Kwama twiga Ijambo ry’Imana hamwe n’ibisohokayandikiro biva kuri wa “mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge” bishobora kudusaba akigoro gakomeye (Matayo 24:45). Bishobora kumera gutyo canecane igihe gusoma vyamye bitugora canke igihe igisohokayandikiro coba kiriko kivuga “ibintu vyimbitse vy’Imana” (1 Ab’i Korinto 2:10, NW). Ntidukwiye none kurondera umwanya wo kwiyigisha? Bishobora kudusaba kwigora tukicara tukamara umwanya turiko turiga ayo mayagwa. Bitagenze gutyo none wumva twogirira gute akayabagu ‘ivyo kurya bigumye vy’abakuze’?​—Abaheburayo 5:14.

14 Bite hoho igihe tuba dushitse i muhira twarushe kubera ibikorwa vyinshi twiriwemwo? Vyoshobora gusaba ko twinanata kugira ngo twitabe amakoraniro ya gikirisu. Canke kubwira inkuru nziza abantu tutazi bishobora kuba bihushanye n’ivyo ubwacu dusanzwe twishakira. Paulo ubwiwe yariyemereye yuko hari igihe bishika tukavuga inkuru nziza ‘tutabikunze’ (1 Ab’i Korinto 9:17). Ariko rero, ivyo tubigira kubera yuko Yehova we Databuja wacu twikundira wo mw’ijuru, atubwira ko dukwiye kubikora. None ga yemwe ntitwama twumva dushize akanyota tukumva n’agatege kagarutse iyo twagize akigoro ko kwiga, kwitaba amakoraniro, no kwamamaza?​—Zaburi 1:1, 2; 122:1; 145:10-13.

Nturabe ‘ivyasigaye inyuma’

15. Ni mu buryo ki Yezu yadusigiye akarorero mu bijanye n’ukugamburukira Imana?

15 Yezu Kirisitu yarerekanye ko agamburukira Se wiwe wo mw’ijuru mu buryo ntangere. Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “[Sina]kūwe mw ijuru no gukora ivyo nigombera, ariko nazanywe no gukora ivy’uwantumye agomba” (Yohana 6:38). Igihe yari mu maganya mw’itongo ry’i Getsemane, yasenze ati: “Data, asangwa vyoshoboka, iki gikombe ni kindēngāne: ariko ntibibe uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba”.​—Matayo 26:39.

16, 17. (a) Dukwiye kubona gute ivyo twasize inyuma? (b) Erekana ingene Paulo yavuze ibintu nk’uko biri mu kuvuga yuko ivyo yakurikirana mw’isi ari “ishano” canke umwavu.

16 Yezu ashaka ko twumira ku ngingo twafashe yo kuba abagurano b’Imana. Yavuze ati: “Nta muntu afashe isuka irimishwa n’inka, arāba [ivyasigaye] inyuma, abereye ubgami bg’Imana” (Luka 9:62). Kuguma twiyumvira ivyo twasize inyuma ntibibereye na gato igihe dushumbira Imana. Ahubwo riho dukwiye guha agaciro ivyo twaronse kubera twahisemwo kuba abagurano b’Imana. Paulo yandikiye Abanyafilipi ati: “Ibintu vyose ndavyiyumvira kw ar’ubuhombe, kubg’ikibirengeye, ni co kumenya Kristo Yesu Umwami wanje. Kubg’uwo nahomvye ibintu vyose, ndavyiyumvira kw ar’ishano, kugira ngo ndonke Kristo”.​—Ab’i Filipi 3:8.

17 Zirikana gatoyi ku bintu Paulo yiyumviriye ko ari ishano canke umwavu, akabikaba imihezagiro yo mu vy’impwemu yoronse ari umugurano w’Imana. Paulo ntiyahevye gusa ibihinda vyo mw’isi, ariko kandi yarahevye n’akaryo ko kuzoba indongozi y’idini ry’Abayuda. Iyo Paulo aza kuguma mw’idini ry’Abayuda, yari gushobora rwose kuronka igiti nk’ica Simoni, uno akaba yari mwene Gamaliyeli wa mwigisha yari yarigishije Paulo (Ivyakozwe 22:3; Ab’i Galatiya 1:14). Simoni yarabaye indongozi y’Abafarizayo, kandi yaragize uruhara ruhambaye mu mugararizo Abayuda bagize ku Buroma kuva mu 66 gushika mu 70 G.C., naho nyene hari ukuntu yagize amakenga. Yaguye muri ayo matati, yishwe n’Abayuda b’intagondwa canke igisoda c’Uburoma.

18. Tanga akarorero k’ingene ivyo umuntu ashikako mu vy’impwemu bivamwo imihezagiro.

18 Ivyabona vya Yehova benshi bariganye ako karorero ka Paulo. Uwitwa Jean avuga ati: “Haciye imyaka mikeyi ndangije amashure, naciye ndonka akazi ko kuba umunyamabanga mukuru w’umushingwamanza rurangiranwa w’i Londres. Narakunda akazi kanje kandi nararonka amahera menshi, ariko mu mutima narumva yuko norushiriza gukorera Yehova. Nahavuye ntanga imihoho, nca ntangura gukora ubutsimvyi. Ndanezerewe kubona haciye imyaka hafi 20 nteye iyo ntambwe! Umurimo w’igihe cose ndangura nawuronkeyemwo imihezagiro myinshi uwukora akazi k’umunyamabanga atopfa aronse. Nta kintu kimara akanyota nko kwibonera ingene Ijambo rya Yehova rishobora guhindura ubuzima bw’umuntu. Kugira uruhara muri iryo hinduka ni agahore ntiworaba. Ivyo duha Yehova ni ubusa tubigereranije n’ivyo aduha”.

19. Dukwiye kwiyemeza iki, kandi kubera iki?

19 Uko ivyacu vyifashe kwoshobora guhinduka uko igihe kigenda kirarengana. Mugabo ukwiyegurira Imana kwacu kwokwo ntikwigera guhinduka. Turi abagurano ba Yehova, ariko aratureka tukihitiramwo ingene twokoresha neza kuruta umwanya wacu, inguvu zacu, ubuhanga bwacu, be n’ibindi bintu dutunze. Ingingo dufata muri ivyo bintu rero zirashobora guserura urukundo dukunda Imana. Zirerekana kandi aho tugeza mu bijanye n’ukwitanga (Matayo 6:33). Uko ivyacu vyoba vyifashe kwose, ntidukwiye none kwiyemeza guha Yehova ibintu vyiza kuruta ibindi mu vyo dufise? Paulo yanditse ati: “Kukw iyo har’umutima ukunze, wemerwa ku vy’umuntu afise, si ku vy’adafise”.​—2 Ab’i Korinto 8:12.

“Mufise imbuto zanyu”

20, 21. (a) Abagurano b’Imana bama ivyamwa nyabaki? (b) Yehova ahemba gute abamukorera uko bashoboye kwose?

20 Kuba abagurano b’Imana ntibicinyiza. Ahubwo biraturinda ubwoko bw’ubuja bucinyiza budutwara umunezero. Paulo yanditse ati: “Ko mwacunguwe ngo ntimuganzwe n’icaha, mukajakarira Imana, mufise imbuto zanyu zizana ukwezwa, kand’amaherezo [ni] ubugingo budashira” (Abaroma 6:22). Ukujakarira Imana kwacu kurama imbuto canke ivyamwa mu buryo bw’ukwera canke bw’ubweranda kubera yuko twimbura ivyiza biva ku kugira ingeso nyeranda canke ingeso runtu. Vyongeye, gutuma tuzoronka ubuzima budahera muri kazoza.

21 Yehova nta co yima abagurano biwe. Iyo dukoze uko dushoboye kwose mu murimo wiwe, “[aratu]gomorera ingomero zo mw ijuru” akongera akaducuncuburira “umugisha, [tu]kabura aho [tu]wukwiza” (Malaki 3:10). Ese ukuntu bizoba bihimbaye kubandanya gukora turi abagurano ba Yehova ibihe vyose!

Woba uvyibuka?

• Ni kubera iki tuba abagurano b’Imana?

• Twerekana gute ko tugamburuka ivyo Imana igomba?

• Ni kubera iki dukwiye kwitegurira gushira ivyo Yehova agomba imbere y’ivyo ubwacu tugomba?

• Ni kubera iki tudakwiye ‘kuraba ivyasigaye inyuma’?

[Ifoto ku rup. 16, 17]

Ivyo kuba abagurano bavyishakiye vyagirwa muri Isirayeli vyari igitutu c’ubugurano abakirisu barimwo

[Ifoto ku rup. 17]

Iyo tubatijwe tuba ducitse abagurano b’Imana

[Ifoto ku rup. 17]

Abakirisu barashira imbere ivyo Imana igomba

[Ifoto ku rup. 18]

Musa yaragonanwe kwemera igikorwa ashinzwe

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika