ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/4 rup. 4-7
  • Siyansi na Bibiliya vyoba vy’ukuri bivuguruzanya?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Siyansi na Bibiliya vyoba vy’ukuri bivuguruzanya?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Idini rishigikira ivyiyumviro vya Aristote
  • Ivyigwa twohigira
  • Siyansi nyakuri ivuga rumwe na Bibiliya
  • Aristote
    Be maso!—2016
  • Galilée
    Be maso!—2015
  • Ni nde yashizeho ivyagezwe biganza ijuru n’isi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ingene amatati yatanguye hagati ya siyansi n’idini
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/4 rup. 4-7

Siyansi na Bibiliya vyoba vy’ukuri bivuguruzanya?

IMBUTO z’amatati yabaye hagati ya Galilée na Ekeleziya Gatolika zabibwe ibinjana bitari bike imbere y’uko Copernic na Galilée bavuka. Iciyumviro c’uko ngo isi ari yo iri hagati na hagati y’ibiri mu kirere (ico bita théorie géocentrique), catangujwe n’Abagiriki ba kera kiraheza gikwiragizwa n’umufilozofe yitwa Aristote (wo mu 384-322 B.G.C.) be n’umuhinga mu vy’imibumbe n’ikirere akaba na karuhariwe mu kuragurira ku vyo mu kirere yitwa Ptolémée (wo mu kinjana ca kabiri G.C.)a.

Iciyumviro Aristote yari afise ku bijanye n’ibiri mu kirere cari gifatiye ku vyiyumviro vya wa muhinga mu biharuro akaba n’umufilozofe w’Umugiriki ari we Pythagore (wo mu kinjana ca gatandatu B.G.C.). Aristote yarashigikiye iciyumviro ca Pythagore c’uko imero y’umuzingi be n’iy’imburungu ari imero zitagira agahaze, bica bituma yemera yuko ijuru ari urugerekerane rw’imburungu zinjiranamwo, nka kurya kw’intimbatimba z’igoma ry’igitunguru. Yavuga ko agatimbatimba kose kagizwe n’uduhimbahimba dukayangana, isi na yo ikaba iri hagati na hagati. Yavuga kandi ko inyenyeri zigenda zirazunguruka ku mizingi, ukugenda kwazo zikagukura ku mburungu iri inyuma ya zose, ino na yo ngo ikaba ari yo cicaro c’ububasha bw’Imana. Aristote yaremera kandi yuko izuba be n’ibindi bisyo vyo mu kirere vyari ibintu bitunganye, bidashobora kugira utunenge na tumwe canke ibirabagu kandi bidashobora guhinduka.

Ico ciyumviro gihambaye ca Aristote cari cavyawe na filozofiya, nticari cavyawe na siyansi. Yiyumvira yuko kuvuga ko isi izunguruka cobaye ari ikintu kitumvikana na buhorobuhoro. Yaranse kandi iciyumviro c’uko hariho ahantu hagaragara canke ikirere, yiyumvira yuko isi izunguruka yogiye iritsirita ku bintu be n’uko vyotumye ihagarara hatabonetse inguvu zibandanya kuyisunika. Kubera yuko iciyumviro ca Aristote casa n’icumvikana uravye ubumenyi bwariho ico gihe, abantu muri rusangi bahavuye bamara imyaka nka 2.000 bacemera. Mbere no mu kinjana ca 16, hariho umufilozofe w’Umufaransa yitwa Jean Bodin yashikirije ico ciyumviro cemerwa na benshi, mu kuvuga ati: “Nta muntu n’umwe afise ubwenge, canke umuntu afise ubumenyi na bukeyi mu vya fizike, yokwigera yiyumvira yuko isi, uravye ingene ari ikintu kiremereye kandi kinini amahanga . . . , yoza . . . irizunguriza yongera izunguruka izuba; kubera ko nka hamwe isi yokwikoma na gatoyi gusa, twobona ibisagara n’inyubakwa nininini zizitiwe, udusagara n’imisozi bihomvagurika”.

Idini rishigikira ivyiyumviro vya Aristote

Iyindi mvo yatumye haba amatati hagati ya Galilée na Ekeleziya Gatolika yibonekeje mu kinjana ca 13, ikaba yari yerekeye umunyacubahiro w’Umugatolika yitwa Toma w’i Akino (wo mu 1225-1274). Toma w’i Akino yarubaha cane Aristote, akaba yavuze ko yari umufilozofe abushitse. Toma w’i Akino yamaze imyaka itanu yita ku rutare arondera kuvanga filozofiya ya Aristote n’inyigisho za Ekeleziya. Nk’uko uwitwa Wade Rowland abivuga mu gitabu ciwe citwa Ikosa rya Galilée (mu congereza), mu gihe ca Galilée “filozofiya ya Aristote yari imaze kuvangwa na tewolojiya ya Toma w’i Akino, yari yacitse inyigisho ntahinyuzwa y’ishimikiro ya Ekeleziya y’i Roma”. Niwamize ku muzirikanyi kandi yuko muri iyo misi ata mugwi w’abanyasiyansi ushize hamwe wariho. Ivy’amashure ahanini vyari mu minwe ya Ekeleziya. Ekeleziya ni yo akenshi yaba ifise ijambo rya nyuma kw’idini no kuri siyansi.

Ivyo rero vyari bigiye kuzana amatati hagati ya Ekeleziya na Galilée. N’imbere y’uko Galilée atangura gutohoza ivy’imibumbe n’ibiri mu kirere, yari yaranditse ikiganiro citondewe cavuga ibijanye n’ukuzunguruka kw’ibintu. Ico kiganiro caravuguruje vyinshi mu vyiyumviro bidafise ishingiro vyashikirijwe na Aristote wa muntu yubahwa cane. Ariko rero, ukuba Galilée yarashigikiye ashikamye ca ciyumviro c’uko izuba ari ryo riri hagati na hagati muri wa mugwi w’imibumbe iri kumwe n’izuba be n’ukuba yaravuze ko ico ciyumviro gihuye n’Ivyanditswe, ni vyo vyamushikanye ku gucirwa urubanza na ya Sentare ya Gatolika mu 1633.

Mu kuburana kwiwe, Galilée yaremeje ko yemera bimwe bikomeye yuko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana ryahumetswe. Yavuga kandi yuko Ivyanditswe vyari vyandikiwe abantu basanzwe be n’uko ahantu Bibiliya ivuga ko izuba rigenda twisunze ivyo amaso abona hatari hakwiye gutahurwa gutyo nyene. Ukwisigura kwiwe kwabaye ukw’ubusa. Kubera ko Galilée yamiriye kure ukuntu abantu basigura Ivyanditswe bisunze filozofiya y’Abagiriki, yaciye akubitwa intahe mu gahanga! Mu mwaka wa 1992 ni ho Ekeleziya Gatolika yagiye kwemera ku mugaragaro ko yihenze mu rubanza yaciriye Galilée.

Ivyigwa twohigira

Ivyo bintu bishobora kutwigisha iki? Kimwe coco, Galilée ntiyigeze arwanya Bibiliya. Ahubwo riho, yanebaguye inyigisho za Ekeleziya. Hari umwanditsi umwe mu vy’idini yavuze ati: “Nk’uko vyibonekeza, icigwa twokwigira kuri Galilée si uko Ekeleziya yisunze cane ukuri kwo muri Bibiliya; ahubwo ni uko itisunze ukwo kuri bimwe bihagije”. Kubera yuko Ekeleziya yaretse filozofiya y’Abagiriki ikagira akosho kuri tewolojiya yayo, Ekeleziya yemeye imigenzo aho gukurikiza inyigisho zo muri Bibiliya.

Ivyo vyose biratwibutsa ingabisho Bibiliya itanga igira iti: “Mwirinde, ntihakagire ūbagira inyagano, abanyagishije ubgenge bg’abantu [ni ukuvuga, “filozofiya”, NW] ar’ibihendo vy’ubusa, bikurikira akaronda k’imigenzo y’abantu, bikurikira ivya mbere vyo mw isi, bidakurikira Kristo”.​—Ab’i Kolosayi 2:8.

No muri iki gihe nyene, benshi mu biyita abakirisu barabandanya kwemera inyigisho n’amafilozofiya biteye kubiri na Bibiliya. Akarorero kamwe k’ivyo ni ya nyigisho ya Darwin y’uko ngo ibintu vyabayeho biciye kw’ihindagurika, iyo nyigisho bakaba barayemeye aho kwemera inkuru ivuga ivy’irema iri mu gitabu c’Itanguriro. Mu kugira ivyo, ku bwa ngingo amadini yatumye Darwin aba Aristote wo mu bihe vya none yongera atuma ihindagurika riba imwe mu nyigisho zemewe mu vy’Imanab.

Siyansi nyakuri ivuga rumwe na Bibiliya

Ivyo duhejeje kuvuga ntibikwiye na gato gutuma abantu batarondera kumenya ibijanye na siyansi. Nkako, Bibiliya ubwayo idusaba kugira ico twigiye ku vyo Imana yaremye, tugaheza tugatahura kamere zitangaje z’Imana mu vyo tubona (Yesaya 40:26; Abaroma 1:20). Ego ni ko, Bibiliya ntiyagenewe kwigisha siyansi. Ahubwo, irahishura ingingo mfatirwako z’Imana, kamere zayo zidashobora kwigishwa n’ivyaremwe ubwavyo, ikongera igahishura umugambi ifitiye abantu (Zaburi 19:7-11; 2 Timoteyo 3:16). Yamara, igihe Bibiliya yerekeza ku bintu biba mu vyaremwe, yama nantaryo ivuga ukuri. Galilée ubwiwe yavuze ati: “Ivyanditswe Vyeranda be n’ibiriho vyabayeho kw’itegeko ry’Imana. . . . Ibintu bibiri vy’ukuri ntibishobora kwigera bivuguruzanya”. Rimbura uburorero bukurikira.

Mbere n’ikintu kirushirije kuba ic’ishimikiro kuruta ukuzunguruka kw’inyenyeri be n’imibumbe, ni uko ibintu vyose biriho bigengwa n’amategeko, nk’akarorero rya tegeko ry’uko hari inguvu zikwegera kw’isi ibiri mu kirere. Turetse Bibiliya, Pythagore ni we yabaye uwa mbere mu kuvuga ibijanye n’amategeko agenga ibiriho, uwo na we akaba yaremera yuko ibiri mu kirere bishobora gusigurwa hakoreshejwe ibiharuro. Imyaka 2.000 inyuma y’aho, Galilée, Kepler na Newton amaherezo baratanze ibimenyamenya vy’uko ikintu cose kiriho kigengwa n’amategeko ahuje n’ukwiyumvira.

Ahantu ha mbere na mbere Bibiliya ivuga ivyerekeye amategeko agenga ibiriho ni mu gitabu ca Yobu. Nko mu mwaka wa 1600 B.G.C., Imana yabajije Yobu iti: “Mbeg’urazi ivyagezwe [canke, amategeko] biganza ijuru?” (Yobu 38:33, ni twe dushimitse.). Igitabu ca Yeremiya, icanditswe mu kinjana c’indwi B.G.C., kivuga yuko Yehova ari Umuremyi “agera ukwezi n’inyenyeri” akongera agashinga “ivyagezwe vy’ijuru n’isi” (Yeremiya 31:35; 33:25, ni twe dushimitse.). Afatiye kuri ayo majambo, umusobanuzi umwe w’ivya Bibiliya ari we G. Rawlinson yavuze ati: “Ukuba mu biriho vyose huzuyemwo amategeko abigenga birashigikirwa bimwe bikomeye n’abanditsi ba Bibiliya hamwe na siyansi ya none”.

Hamwe twofatira ku vyo Pythagore yanditse, amajambo yo muri Yobu yavuzwe imyaka igihumbi imbere y’uko Pythagore yandika ivyerekeye amategeko agenga ibiriho. Urama wibuka yuko intumbero ya Bibiliya atari iyo guhishura gusa ukuntu ibintu vyifashe mu biriho, mugabo ko ubwa mbere na mbere ari iyo kutwigisha ko Yehova ari we Muremyi w’ibintu vyose, akaba ari we afise ubushobozi bwo gushiraho amategeko agenga ibiriho.​—Yobu 38:4, 12; 42:1, 2.

Akandi karorero tworimbura ni ak’uko amazi yo kw’isi agenda araduga mu kirere yongera agaruka kw’isi, ivyo bikaba vyitwa inzinguzingu y’amazi. Tubivuze mu buryo burashe, amazi araduga avuye mw’ibahari abanje guhinduka umwuka, agahinduka ibicu, akagwa kw’isi ari imvura, agahava agasubira mw’ibahari. Ibintu vya kera bikiriho bitari ivyo muri Bibiliya bivuga ivy’iyo nzinguzingu y’amazi, ni ivyo mu kinjana ca kane B.G.C. Ariko rero, amajambo yo muri Bibiliya avuga ivy’ico kintu yanditswe imyaka amajana imbere y’aho. Nk’akarorero, mu kinjana ca 11 B.G.C., Umwami Salomo wa Isirayeli yanditse ati: “Inzūzi zose zitembera mu kiyaga, yamar’ikiyaga nticuzura; ahantu inzūzi zija ni ho zama [“zigaruka kugira zongere zigende”, NW]”.​—Umusiguzi 1:7.

Muri ubwo buryo nyene, nko mu mwaka wa 800 B.G.C. umuhanuzi Amosi, akaba yari umwungere n’umurimyi aciye bugufi, yanditse yuko Yehova ari “we ahamagara amazi yo mu kiyaga, akayasendanisha kw isi” (Amosi 5:8). Salomo na Amosi batiriwe barakoresha imvugo ihanitse kandi idasanzwe, bompi baravuze mu buryo butarimwo amakosa inzinguzingu y’amazi, umwe wese akabivuga mu buryo butandukanye gato n’uwundi.

Bibiliya ivuga kandi ko Imana ‘yenetsa isi ku busa’ (Yobu 26:7). Turavye ubumenyi abantu bari bafise mu 1600 B.G.C., aho hakaba ari nka ho ayo majambo yavugwa, vyari gusaba umuntu adasanzwe kugira ngo yemeze yuko ikintu kiremereye gishobora kuguma cenetse mu kirere ata kintu kigiseguye. Nk’uko twamaze kubivuga, Aristote ubwiwe yaranse kwemera yuko hariho ikirere kigaragara, kandi yabayeho haciye imyaka irenga 1.200 ayo majambo yo mu gitabu ca Yobu avuzwe!

Ntibigutangaza none kubona Bibiliya ivuga amajambo nk’ayo atarimwo amakosa, na canecane uravye ukuntu ivyiyumviro vyo muri ico gihe bitari vyo yamara bigasa n’ivyemerwa na bose? Ku bantu biyumvira, ico ni ikindi kimenyamenya c’uko Bibiliya yahumetswe n’Imana. Twoba rero tubaye inkerebutsi tudapfuye gutwarwa n’inyigisho canke ivyiyumviro ivyo ari vyo vyose biteye kubiri n’Ijambo ry’Imana. Nk’uko kahise kavyerekanye incuro n’izindi, amafilozofiya y’abantu, mbere n’amafilozofiya y’abantu usanga baramenetse mu bwenge, araza akagenda, ariko “ijambo ry’Uhoraho ryamah’ibihe bidashira”.​—1 Petero 1:25.

[Utujambo tw’epfo]

a Mu kinjana ca gatatu B.G.C., Umugiriki umwe yitwa Arisitariko w’i Samo yarashikirije iciyumviro c’uko izuba ari ryo riri hagati na hagati y’ibiri mu kirere, mugabo abantu baranse kwemera ivyiyumviro vyiwe maze bikurikiranira ivyiyumviro vya Aristote.

b Ushaka ikiganiro cihweza ico kibazo mu buryo bushika ibwina, raba ikigabane ca 15 kivuga ngo “Pourquoi tant de gens croient-ils à l’évolution?” mu gitabu La vie: comment est-elle apparue? Évolution ou création? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Uruzitiro ku rup. 6]

Ukuntu abaporotisanti bavyakiriye

Ababaye imboneza muri kwa gutunganya ibintu busha kw’abaporotisanti na bo nyene bariyamirije ca ciyumviro c’uko izuba ari ryo riri hagati na hagati muri wa mugwi w’imibumbe iri kumwe n’izuba. Muri bo harimwo uwitwa Martin Luther (wo mu 1483-1546), uwitwa Philipp Melanchthon (wo mu 1497-1560), n’uwitwa Jean Calvin (wo mu 1509-1564). Ku vyerekeye Copernic, Luther yavuze ati: “Uwo musazi ashaka gucuramika siyansi ijanye n’ibiri mu kirere yose uko yakabaye”.

Abo bene gutunganya ibintu busha bashingira ivyiyumviro vyabo ku vyanditswe bimwebimwe batahura nk’uko nyene vyanditse, nk’akarorero ya nkuru iri mu gitabu ca Yosuwa ikigabane ca 10 ivuga yuko izuba n’ukwezi ‘vyagumye bihagaze’c. Ni kubera iki abo bene gutunganya ibintu busha bagize iyo mpagararo? Ca gitabu Ikosa rya Galilée gisigura yuko naho kwa gutunganya ibintu busha kw’abaporotisanti kwatumye biganzura ubukuru bwa Papa, kutashoboye “gutuma bikurako akosho gakomeye” ka Aristote na Toma w’i Akino, bano ivyiyumviro vyabo bikaba “vyaremerwa n’abagatolika hamwe n’abaporotisanti”.

[Utujambo tw’epfo]

c Twisunze siyansi, iyo tuvuze ngo ‘izuba riraserutse’ canke ngo ‘izuba rirarenze’ tuba tuvuze ibitari vyo. Mugabo mu mvugo ya misi yose, izo mvugo ziremewe kandi ni iz’ukuri, twibutse yuko tuba twisunze ivyo tubona turi ng’aha kw’isi. Na Yosuwa nyene ntiyariko avuga ivy’imibumbe n’ibiri mu kirere, ahubwo yariko ashikiriza gusa ibintu nk’uko yari yabibonye.

[Amafoto]

Luther

Calvin

[Abo dukesha ifoto]

Yakuwe mu gitabu Servetus and Calvin, 1877

[Ifoto ku rup. 4]

Aristote

[Abo dukesha ifoto]

Yakuwe mu gitabu A General History for Colleges and High Schools, 1900

[Ifoto ku rup. 5]

Toma w’i Akino

[Abo dukesha ifoto]

Yakuwe mu gitabu Encyclopedia of Religious Knowledge, 1855

[Ifoto ku rup. 6]

Isaac Newton

[Ifoto ku rup. 7]

Haraciye imyaka irenga 3.000 Bibiliya idondoye ivy’inzinguzingu y’amazi yo kw’isi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika