ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/5 rup. 4-7
  • Izuka ni icizigiro c’akaroruhore

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Izuka ni icizigiro c’akaroruhore
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukuzazanirwa ku vyerekeye inyigisho y’izuka
  • “Abagore bāgaruriwe abo bābuze bazutse”
  • Abazuwe mu gihe c’ubusuku bwa Yezu
  • Gusubira kubonana n’abacu ni ikintu c’akaroruhore twiteze
  • Icizigiro c’Izuka Ni Ntakekeranywa!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Izuka ryoba atari umugani kuri wewe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ni Bande Bazurwa — kandi Bazukira Kuba he?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • “Ndazi ko azozuka”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/5 rup. 4-7

Izuka ni icizigiro c’akaroruhore

HIRYA no hino kw’isi abantu baremera izuka. Igitabu ceranda c’idini rya Isilamu ari co Korowani, kirimwo ikigabane kivuga gusa ivyerekeye izuka. Mu kigabane ca 75 hari ahantu hagira hati: “Ndahiye Umusi w’Izuka. . . . Mbega umuntu yiyumvira yuko tudashobora guterateranya amagufa yiwe? . . . Abaza ati: ‘Umusi w’Izuka uzoshika ryari?’. Ugira ngo (imwe idahinduka) ntifise ububasha bwo guha ubuzima abapfuye?”.​—Ikigabane ca 75:1-6, 40.

Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (The New Encyclopædia Britannica) kivuga giti: “Idini ry’Abazorowasiteri ryemera yuko ikibi kizoteba kigatsindwa, ko hazobaho izuka rya bose, urubanza rw’imperuka be n’uko abagororotsi bazosubizwa isi ityoroye”.

Hari igitabu c’inkoranyabumenyi (Encyclopaedia Judaica) gisigura ko izuka ari “ukwemera yuko impera n’imperuka abapfuye bazosubirana imibiri yabo bakongera kubaho kw’isi”. Ico gitabu nyene kivuga yuko inyigisho yemewe mw’idini ry’Abayuda yuko umuntu afise umutima w’ubwenge udahwera ituma abantu babura ico bafata n’ico bareka. Ciyemerera giti: “Ubiravye izo nyigisho zibiri, iy’izuka n’iy’uko umuntu afise umutima w’ubwenge udahwera, ziravuguruzanya”.

Idini ry’Abahindu ryigisha yuko umuntu aza arongera kuvuka iyo apfuye, ni ukuvuga yuko aza aravukira mu kindi kiremwa. Kugira ngo ivyo bishoboke, umuntu ategerezwa kuba afise umutima w’ubwenge ubandanya kubaho iyo apfuye. Igitabu ceranda c’Abahindu (Bhagavad Gita) kigira giti: “Ikintu gishwaye mu mubiri wose ntigishobora kwicwa. Nta n’umwe ashobora guhonya wa mutima w’ubwenge udashobora guherengetera”.

Idini ry’Ababuda riratandukanye n’iry’Abahindu kubera yuko ryoryo ritemera ko hariho umutima w’ubwenge udahwera. Ariko rero, ico ntikibuza ko muri iki gihe Ababuda benshi bo mu ntara za Aziya yo mu Buseruko bwa kure bemera ko iyo umuntu apfuye umutima w’ubwenge umuvamwo ukimukira mu kindi kiremwaa.

Ukuzazanirwa ku vyerekeye inyigisho y’izuka

Mu birori vy’amaziko bigirwa mu biyita abakirisu akenshi haravugwa ivy’uko umutima w’ubwenge ubandanya kubaho iyo umuntu apfuye hakavugwa n’ivyerekeye izuka. Nk’akarorero, abakuru b’ishengero ry’Abangilikani barakunda gusubiramwo amajambo agira ati: “Kubera ko Imana Mushoboravyose vyayihimbaye mu kigongwe cayo cinshi kwisubiza umutima w’ubwenge wa mwenewacu twakunda yigiriye, ni co gituma dushize ikibiribiri ciwe mu butaka; ivu risubiye mw’ivu, umunyota mu munyota, umukungugu mu mukungugu; dufise icizigiro ntakekeranywa c’Ukuzukira ubuzima budahera, biciye ku Mwami wacu Yezu Kirisitu”.​—Le livre de la prière commune.

Ayo majambo yoshobora gutuma umuntu yibaza nimba Bibiliya yigisha izuka canke inyigisho yuko hariho umutima w’ubwenge udahwera. Ariko rero, zirikana ku majambo yavuzwe n’Umuporotisanti w’Umufaransa ari we Porofeseri Oscar Cullmann. Mu gitabu ciwe (Immortalité de l’âme ou Résurrection des morts?) yanditse ati: “Hariho itandukaniro rinini rwose hagati y’icizigiro abakirisu bafise c’izuka ry’abapfuye n’inyigisho y’Abagiriki yuko hariho umutima w’ubwenge udahwera. . . . Naho mu nyuma ubukirisu bwashizeho isano hagati y’izo nyigisho zibiri, ivyo bigatuma muri iki gihe umukirisu asanzwe azitiranya buhere, mbona ko ata mvo yotuma ndeka kuvuga ico twe na benshi mu ncabwenge tubona ko ari ukuri. . . . Ukwemera izuka ni co kintu ciganje mw’Isezerano Rishasha. . . . Umuntu wese uko yakabaye, uwuba vy’ukuri yarapfuye, arasubira kugirwa muzima biciye ku kindi gikorwa c’ukurema c’Imana”.

Ntibitangaje kubona abantu muri rusangi bazazanirwa ku bijanye n’urupfu be n’izuka. Kugira ngo ukwo kuzazanirwa guhere, turakeneye guhanga amaso Bibiliya, iyishikiriza ukuri kwahishuwe n’Umuremyi w’abantu, uwo na we akaba ari Yehova Imana. Bibiliya irimwo inkuru z’abantu batari bake bazutse. Nimuze dusuzume zine muri izo nkuru twongere turimbure ico zihishura.

“Abagore bāgaruriwe abo bābuze bazutse”

Mw’ikete intumwa Paulo yandikiye Abayuda bari baracitse abakirisu, yavuze yuko abagore b’ukwizera “bāgaruriwe abo bābuze bazutse” (Abaheburayo 11:35). Umwe muri abo bagore yaba i Zarefati, igisagara co mu ntara ya Foyinike cari hafi y’i Sidoni ku nkengera y’Ikiyaga Mediterane. Nya mugore yari umupfakazi akaba yari ahaye indaro Eliya umuhanuzi yavugishwa n’Imana yongera amuha ibifungurwa mbere no mu kiringo hari ikigoyi gikaze. Ikibabaje, umuhungu w’uwo mugore yararwaye maze arapfa. Eliya yaciye ubwo nyene amwurirana mu cumba co hejuru aho nya muhanuzi yarara, maze atakambira Yehova ngo asubize ubuzima nya mwana. Harabaye igitangaro, maze uwo muhungu “arahēmbūka”. Eliya yaramusubije nyina atako avuga ati: “Eh’umwana wawe ni muzima”. None uwo mugore yavyakiriye gute? Yavuganye akamwemwe ati: “Noneho mmenye k’ur’umuntu w’Imana koko, kandi kw ijambo ry’Uhoraho uvuga ar’iry’ukuri”.​—1 Abami 17:22-24.

Nko ku bilometero 100 mu Bumanuko bwa Zarefati, haba umugabo n’umugore b’abatanzi ba cane bama bitwararika uwasubiriye Eliya ari we muhanuzi Elisa. Nya mugore yari umuntu ahambaye cane mu gisagara ciwe c’amavukiro ari co Shunemu. We hamwe n’umugabo wiwe barumvikanye yuko boha indaro Elisa mu cumba co hejuru c’inzu yabo. Umubabaro bari bafise bitumwe n’uko batari bafise abana wasubiriwe n’umunezero igihe nya mugore yavyara akana k’agahungu. Uko nya gahungu kakura, karakunda guherekeza abagenyi kakaja kuraba se wako mu mirima. Umusi umwe ibara ryaraguye. Nya gahungu kasemereye kavuga ko umutwe ukishe. Umusuku umwe yaciye anyaragasa agasubiza i muhira, nyina wako aca arakarera, mugabo nya kana kahavuye gacikana. Nya muvyeyi yari yataye umutwe yaciye afata ingingo yo gutumako Elisa kugira ngo amutabare. Nya muvyeyi aherekejwe n’umusuku yaragize urugendo amaja mu Buraruko bushira Uburengero aja ku Musozi Karumeli, aho Elisa yaba.

Nya muhanuzi yaciye agira ico akoze mu kuba ararungitse umusuku wiwe Gehazi ngo amwitangire imbere, hanyuma Gehazi asanga nya mwana w’umuhungu yari yapfuye koko. Elisa na wa mugore barakurikiye, mugabo vyagenze gute igihe bahava bagashika i Shunemu? Inkuru yo mu 2 Abami 4:32-37 yigana iti: “Maze Elisa ashitse, yinjira mu nzu, asanga uwo mwana yapfuye, arambaraye kuri bga buriri bgiwe. Nuko yinjiye, yiyugarana wenyene n’uwo muvyimba, araheza asenga Uhoraho. Maz’arūrira, yubama kur’uwo mwana, ashira umunwa ku wiwe, n’amaso ku yiwe, n’amaboko ku yiwe nyene; nukw amwubarayeko, umubiri w’uwo mwana utangura gushuha. Maz’aravyuka, akubita hirya mur’iyo nzu, aragaruka, arongera arūrira, amwubararako; umwana araheza yāsamura ibihetangabo ndwi, arakanura. Elisa ahamagara Gehazi, aramubarira, ati Hamagara uwo mugore w’Umunyashunemu. Nukw aramuhamagara. Ashitse, aramubarira, at’Abīra umwana wawe. Nukw arinjira, arunama ashika hasi imbere y’ibirenge vyiwe; araheza aterura umwana wiwe, arasohoka”.

Cokimwe na wa mupfakazi w’i Zarefati, uwo mugore w’i Shunemu yari azi yuko ivyari vyabaye vyashobotse kubera ububasha bw’Imana. Abo bagore bompi baranezerewe cane igihe Imana yabagarukanira abana babo bikundira.

Abazuwe mu gihe c’ubusuku bwa Yezu

Imyaka nka 900 inyuma y’aho, harabaye izuka hafi y’igisagara ca Shunemu amaja mu Buraruko, inyuma y’agasagara ka Nayini. Igihe Yezu Kirisitu hamwe n’abigishwa biwe bari bavuye i Kaperinawumu bagashika hafi y’irembo ry’agasagara ka Nayini, barahuye n’abari bagiye ku maziko, Yezu abona umupfakazi yari yabuze umwana wiwe w’ikinege. Yezu yaramubwiye ngo areke kurira. Luka, uwari umuganga, yariganye ivyakurikiye. Yavuze ati: “[Yezu] yigira hafi y’ikigagara, agikorako, abahamvyi barahagarara. Aravuga, ati Muhungu, ndakubariye nti Vyuka. Uwari yapfuye aravyuka, aricara, atangura kuvuga; Yesu amuha nyina” (Luka 7:14, 15). Ababonye ico gitangaro baraninahaje Imana. Inkuru z’iryo zuka zarakwiragiye amaja mu Bumanuko zishika i Yudaya be no mu ntara zihakikije. Biri n’ico bivuze kubona abigishwa ba Yohani Umubatizi barumvise iyo nkuru maze bakabwira Yohani ivy’ico gitangaro. Na we yaciye abarungika kurondera Yezu ngo bamubaze nimba ari we Mesiya abantu barindiriye. Yezu yababwiye ati: “Ni mugende, mubarire Yohana ivyo mubonye n’ivyo mwumvise. Impumyi zirahumūka, abacumbagira bagenda neza, abanyamibembe barakizwa, ibipfamatwi birumva, abāpfuye barazurwa, aboro barabgirwa ubutumwa bgiza”.​—Luka 7:22.

Igitangaro kizwi cane mu bitangaro Yezu yakoze vy’ukuzura abantu, ni ca kindi co kuzura umugenzi wiwe somambike Lazaro. Ico gihe hoho, Yezu yagiye gushika aho umuryango wa Lazaro waba Lazaro amaze igihe apfuye. Igihe Yezu yatinda agashika i Betaniya, Lazaro yari amaze imisi ine apfuye. Igihe Yezu yasaba yuko ibuye ryugaye ahari imva rikurwaho, Marita yarashatse kwanka avuga ati: “Mugenzi, ereg’ubu aramaze kunuka, kw amaze imisi ine” (Yohana 11:39). Yamara, ukubora ukwo ari kwo kwose kwari kwabaye ku kiziga ca Lazaro ntikwabujije izuka kuba. Yezu atanze itegeko, “uwari yāpfuye [yarasohotse], azingiriwekw impuzu ku maguru no ku maboko, n’igitambara gipfutse mu maso hiwe”. Ivyo abansi ba Yezu bakoze mu nyuma birerekana yuko Lazaro ari we vy’ukuri yari yasubiye kuba muzima.​—Yohana 11:43, 44; 12:1, 9-11.

Izo nkuru zine zerekeye abantu bazutse zitwumvisha iki? Umwe wese muri bo yasubiye kubaho ari wa wundi nyene. Bose abantu barabamenye, mbere n’incuti zabo za hafi zirabamenya. Nta n’umwe muri bo yavuze ivyari vyabaye mu kiringo kigufi yamaze yapfuye. Nta n’umwe yavuze ko yoba yari yagiye mu yindi si. Biboneka yuko bose bazutse bafise amagara meza. Kuri bo, wamenga bamaze akanya gato basinziriye hanyuma barikangura, nk’uko nyene Yezu yavyerekanye (Yohana 11:11). Ariko rero, ico nticabujije ko umwe wese muri abo asubira gupfa haciye igihe.

Gusubira kubonana n’abacu ni ikintu c’akaroruhore twiteze

Inyuma gato ya rwa rupfu rw’agacavutu rwashikira Owen twavuze mu kiganiro c’imbere y’iki, se wiwe yaragendeye umubanyi wiwe. Ku meza yari mu rugo rw’uwo mubanyi, yarahabonye agapapuro k’ubutumire katangaza insiguro y’icese yateguwe n’Ivyabona vya Yehova. Umutwe wa nya nsiguro wavuga ngo “Abapfuye bari hehe?”, waramukwegereye. Ico kibazo nyene ni co yari amaze igihe yibaza. Yaragiye kwumviriza nya nsiguro hanyuma araronka impumurizo nyakuri yo muri Bibiliya. Yaramenye yuko abapfuye badacumukura. Aho kubabarizwa mu muriro udahera canke gutwarwa n’Imana ngo bacike abamarayika mw’ijuru, abapfuye, harimwo na Owen, barindiririye mu mva gushika hageze igihe co gukangurwa biciye kw’izuka.​—Umusiguzi 9:5, 10; Ezekiyeli 18:4.

Umuryango wawe woba warashikiwe n’icago? Cokimwe na se wa Owen, woba wibaza aho abawe bapfuye bari ubu ukongera ukibaza nimba bishoboka kuzosubira kubabona? Nimba uvyibaza, turagusavye urimbure ibindi bintu Bibiliya yigisha ku vyerekeye izuka. Kumbure uribaza uti: ‘Izuka rizoba ryari? Ni bande neza na neza bazozuka?’. Turakwinginze usome ibiganiro bikurikira bica irya n’ino ivyo bibazo be n’ibindi.

[Akajambo k’epfo]

a Raba igitabu L’humanité à la recherche de Dieu, urupapuro rwa 150-154, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Ifoto ku rup. 5]

Eliya yaratakambiye Yehova ngo asubize ubuzima umwana w’umuhungu

[Ifoto ku rup. 5]

Yehova yakoresheje Elisa mu kuzura umwana w’Umunyashunemukazi

[Ifoto ku rup. 6]

Yezu yarazuye umwana w’umupfakazi w’i Nayini

[Ifoto ku rup. 7]

Izuka rizotuma incuti zisubira kubonana n’abazo

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika