ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/5 rup. 18-22
  • Icizigiro c’izuka kivuze iki kuri wewe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Icizigiro c’izuka kivuze iki kuri wewe?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ivyerekanywe nko mu ndoto ku bijanye n’ukuzukira kw’isi
  • ‘Kuzukira ubuzima’ canke ‘kuzukira gucirwako iteka’
  • Ivyigwa twokwiga ubu
  • Guhaza ivyipfuzo vyacu
  • Ububasha bw’Icizigiro c’Izuka
    Senga Imana yonyene y’ukuri
  • Izuka ni inyigisho igira ico ikora kuri wewe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Inkomezi Duhabwa n’Icizigiro c’Izuka
    Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
  • Izuka ryoba atari umugani kuri wewe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/5 rup. 18-22

Icizigiro c’izuka kivuze iki kuri wewe?

“Upfumbaturura igipfunsi cawe, ugahāza ukwifuza kw’ibiriho vyose”.​—Zaburi 145:16.

1-3. Abantu bamwebamwe bafise icizigiro nyabaki ku vyerekeye kazoza? Tanga uburorero.

AGAHUNGU k’imyaka icenda kitwa Christopher na mukuru wako, mu gitondo bari bamye mu gikorwa ca gikirisu co kwamamaza inzu ku nzu bari kumwe na sewabo, nyinabo hamwe na bavyara babo babiri, hafi y’igisagara ca Manchester mu Bwongereza. Ikinyamakuru kigenzi c’iki ari co Réveillez-vous! cariganye ivyashitse. Cavuze giti: “Ku mugoroba, barajanye kuratira ijisho ibibanza biteye igomwe i Blackpool, hakaba ari ahantu ho mu micungararo abantu bakunda kuja kuruhukira hambavu y’ikiyaga. Bose uko ari 6 bari mu bantu 12 baciye bapfa ubwo nyene bahitanywe n’isanganya ry’umuduga abapolisi badondoye ko yari ‘amacuniro’”.

2 Ku mugoroba buca iryo bara rigwa, umuryango wabo wari witavye Inyigisho y’igitabu y’ishengero aho bari bihweje ibijanye n’urupfu. Se wa Christopher yiganye ati: “Christopher yamye ari umwana yiyumvira cane. Kuri uwo mugoroba, yari yavuze atomora ibijanye n’isi nshasha be n’icizigiro afise ku vyerekeye kazoza. Ikiganiro kiriko kirabandanya, twagiye twumva Christopher avuze ati: ‘Iciza co kuba Icabona ca Yehova ni uko naho urupfu rubabaje, turazi ko umusi uri izina tuzosubira kubonana aha kw’isi’. Ntitwari tuzi ko ayo majambo yari agiye kuba intibagirwa”a.

3 Imyaka itari mike imbere y’aho, hakaba hari mu 1940, Icabona wo muri Otirishe yitwa Franz yari yiteze kwicwa aciwe izosi ahorwa yuko yanse guhemukira Yehova. Ari mw’ibohero ry’i Berlin, Franz yandikiye nyina wiwe ati: “Mfatiye ku vyo nzi, iyo nemera kugira indagano [ya gisirikare], nari kuba nkoze icaha gikwiye kunyicisha. Nobaye mpemutse kandi sinozutse. . . . Ubu rero mawe nkunda namwe mwese tuvukana, uyu musi namenye urwo naciriwe. Ariko ntimuranduke umutima. Naciriwe urwo gupfa, kandi nzokwicwa ejo aho bukera. Imana ni yo impa inkomezi, nk’uko yamye iziha abakirisu b’ukuri bose ba kera. . . . Nimwaguma mushikamye gushika ku gupfa, tuzongera kubonana mu gihe c’izuka. . . . Tuzoba dusubira”b.

4. Izo nkuru zihejeje kwiganwa zatumye wumva umerewe gute, kandi tugiye kwihweza iki?

4 Icizigiro c’izuka cari n’ico kivuze koko kuri Christopher no kuri Franz. Nticari umugani kuri bo. Izo nkuru ntizibura kudukora ku mutima! Kugira ngo turushirize gukunda no gukengurukira Yehova twongere dukomeze icizigiro c’izuka muri twebwe, nimuze twihweze igituma izuka rizobaho be n’ico ivyo bikwiye gukora kuri umwumwe wese muri twebwe.

Ivyerekanywe nko mu ndoto ku bijanye n’ukuzukira kw’isi

5, 6. Ivyo intumwa Yohani yeretswe nko mu ndoto biri mu Vyahishuriwe 20:12, 13 bihishura iki?

5 Igihe intumwa Yohani yerekwa nko mu ndoto ivyobaye mu gihe c’Intwaro ya Yezu Kirisitu y’imyaka igihumbi, yarabonye izuka ryo kw’isi ririko riraba. Yiganye ati: “Mbona abapfuye, abahambaye n’aboroshe. . . . Ikiyaga kigarukana abapfuye bo muri co, urupfu [na “Hadesi”, NW] bigarukana abapfuye bo muri vyo” (Ivyahishuriwe 20:12, 13). Abantu bo mu mice yose banyazwe na Hadesi (canke Sheoli) ari yo mva rusangi, baba “abahambaye” canke “aboroshe”, bose bazorekurwa. Abapfiriye mu kiyaga na bo nyene ico gihe bazosubira kuba bazima. Ico kintu ciza igitangaza kiri mu bigize umugambi wa Yehova.

6 Intwaro ya Kirisitu y’imyaka igihumbi izotangurana n’ukubohwa kwa Shetani be n’ugutererwa mu gisumanyenzi kwiwe. Mu bazoba bazutse canke mu bazoba barokotse ya marushwa ahambaye, nta n’umwe Shetani azozimiza mu gihe c’iyo ntwaro kubera yuko ata na kimwe azoba ashoboye gukora (Ivyahishuriwe 20:1-3). Imyaka igihumbi woshobora kubona umengo ni igihe kirekire, ariko Yehova wewe ayibona “nk’umusi umwe”.​—2 Petero 3:8.

7. Hazokwisungwa iki mu guca imanza mu gihe c’Intwaro ya Kirisitu y’imyaka igihumbi?

7 Dufatiye ku vyo Yohani yeretswe, igihe c’Intwaro ya Kirisitu y’imyaka igihumbi kizoba ari igihe co guca imanza. Iyo ntumwa yanditse iti: “Mbona abapfuye, abahambaye n’aboroshe, bahagaze imbere y’iyo ntebe; ibitabo birazingururwa. Kand’ikindi gitabo kirazingururwa, ni co gitabo c’ubugingo. Abapfuye bacirwa imanza z’ivyanditswe mur’ivyo bitabo, zikwiranye n’ivyo bakoze. . . . Bacirwa imanza zikwiranye n’ivy’umuntu wese yakoze” (Ivyahishuriwe 20:12, 13). Urabona ko izo manza zidacibwa hisunzwe ivyo umuntu yakoze canke atakoze imbere y’uko apfa (Abaroma 6:7). Ahubwo zicibwa hisunzwe ivyanditswe mu “bitabo” bizozingururwa. Ivyo umuntu azokora amaze kumenya ibiri muri ivyo bitabu ni vyo bizokwisungwa kugira ngo izina ryiwe ryandikwe canke ntiryandikwe mu “gitabo c’ubugingo”.

‘Kuzukira ubuzima’ canke ‘kuzukira gucirwako iteka’

8. Bamwe bashobora kuzozukira iki abandi bakazukira iki?

8 Mu vyo Yohani yeretswe imbere y’aho, Yezu adondorwa afise “impfunguzo z’urupfu [n’iza “Hadesi”, NW]” (Ivyahishuriwe 1:18). Yezu akora nk’“Umukuru w’ubu[zima]” yashinzwe na Yehova, akaba yarahawe ububasha bwo gucira urubanza “abazima n’abapfuye” (Ivyakozwe 3:15; 2 Timote 4:1, UB). Uti none ivyo azobikora gute? Azobikora mu kuzura abasinziriye mu rupfu. Yezu yabwiye amasinzi y’abantu yariko arigisha ati: “Ntimutangazwe n’ico; kukw igihe kija kuza, ah’abari mu mva bose bazokwumvira ijwi ryiwe, bakazivamwo”. Yaciye yongerako ati: “Abākoze ivyiza bakazukira ubu[zima], abākoze ibibi bakazukira gucirwakw iteka” (Yohana 5:28-30). None hari icizigiro nyabaki ku bagabo n’abagore b’intahemuka ba kera?

9. (a) Mu gihe c’izuka, ni ibiki benshi batazobura kumenya? (b) Ni ikihe gikorwa amahanga kizokorwa?

9 Abo bantu b’intahemuka ba kera nibazuka, ntibazoteba kwibonera yuko imihango bari bizigiye izoba yarangutse. Ese ingene bazoba bashashaye kumenya rwa Ruvyaro rwa wa mugore w’Imana w’ikigereranyo ruvugwa mu buhanuzi bwa mbere bwa Bibiliya mw’⁠Itanguriro 3:15! Ese ukuntu bazonezerwa no kwumva ko umwe Mesiya yari yarasezeranywe ari we Yezu, yagumye ari intahemuka gushika ku rupfu, gutyo aba atanze ubuzima bwiwe kw’inkuka y’incungu (Matayo 20:28)! Abazoba bariko barabakira bazohimbarwa cane no kubafasha gutahura ko iyo ntunganyo y’incungu ari uburyo Yehova yaseruyemwo ubuntu bwiwe tutabereye be n’ikigongwe. Abazoba bazutse nibabona ivyo Ubwami bw’Imana buzoba buriko burarangura mu gushitsa umugambi Yehova yari afitiye isi, imitima yabo ntizobura kubogabogamwo amajambo yo kumushemeza. Bazoba bafise akaryo gakwiye ko kwerekana ko bayobokera Se wabo wo mw’ijuru abakunda be n’Umwana wiwe. Umuntu wese azoba ahari ico gihe azohimbarwa no kugira uruhara mu gikorwa amahanga co kwigisha abantu amamiliyaridi bazoba bariko barava mu mva, na bo nyene bakazoba bakeneye kwemera intunganyo Imana yagize yo gucungura abantu.

10, 11. (a) Ya Ntwaro y’imyaka igihumbi izoha ababa kw’isi bose uturyo tw’iki? (b) Ivyo bikwiye kuzotuma dukora iki?

10 Aburahamu niyazuka azohumurizwa cane no kwibonera ingene ubuzima buzoba bumeze igihe hazoba haganza ca “gisagara” yari arorereye (Abaheburayo 11:10). Ese ukuntu akamwemwe kazosya Yobu wa muntu w’intahemuka wa kera, niyamenya ko ubuzima bwiwe bwakomeje abandi basavyi ba Yehova bahanganye n’ibintu vyagerageje ukutadohoka kwabo! Bisubiye, ese ingene Daniyeli azoba anyotewe kumenya ingene ubuhanuzi yahumekewe kwandika bwarangutse!

11 Emwe, abazoronkera ubuzima bose mw’isi nshasha igororotse y’Imana, haba mu kuzuka canke mu kurokoka ya marushwa ahambaye, bazoba bafise vyinshi biga ku mugambi Yehova afitiye isi n’abayibako. Icizigiro co kubaho ibihe bidahera dushemeza Yehova ibihe vyose, ntikizobura gutuma porogarama yo kwigisha y’imyaka igihumbi iba iyiteye akamwemwe koko. Ariko rero, ivyo umwumwe wese azokora igihe tuzoba turiko turiga ibiri muri vya bitabu, ni vyo bizoba bihambaye kuruta. None tuzoshira mu ngiro ivyo tuzoba turiko turiga? Twoba tuzozirikana tukongera tugafata nka nkama ayo makuru ahambaye azodukomeza kugira tuzoshobore kunanira ikigeragezo ca nyuma ca Shetani co kudutesha inzira y’ukuri?

12. Ni igiki kizofasha umwe wese kugira uruhara rushitse mu gikorwa co kwigisha no guhindura isi iparadizo?

12 Ntitwokwibagira imihezagiro y’akaroruhore izozanwa n’ivyiza bizova ku nkuka y’incungu ya Kirisitu. Abazoba basubiye kuba bazima biciye kw’izuka ntibazoba bafise amagara mabi be n’ubumuga tubona ubu (Yesaya 33:24). Kubera yuko abazoba bari mw’isi nshasha bose bazoba bafise umubiri umeze neza n’amagara meza, bazogira uruhara rushitse mu gikorwa co kwigisha inzira y’ubuzima abantu amamiliyaridi bazoba bazutse. Bazogira uruhara kandi mu gikorwa amahanga kizoba kitari bwigere gikorwa kuri iyi si: Ico gikorwa kizoba ari ico guhindura isi yose ikaba iparadizo, maze bitume Yehova ashemagizwa.

13, 14. Intumbero y’ukurekurwa kwa Shetani mu gihe ca ca kigeragezo ca nyuma izoba ari iyihe, kandi umwe wese muri twebwe bishobora kuzomugendera gute?

13 Shetani niyarekurwa akava mu gisumanyenzi ku bwa ca kigeragezo ca nyuma, azogerageza kwongera kuzimiza abantu. Nk’uko mu gitabu c’Ivyahishuriwe 20:7-9 havyerekana, ‘amahanga yose azoba yazimijwe’, ni ukuvuga imigwi y’abantu bazoba batwawe n’akosho kabi ka Shetani, azoca ashitswako urubanza rwayo rwo gusangangurwa. ‘Umuriro uzotibuka uvuye mw’ijuru, ubarigite’. Muri abo, abazoba bari bazutse mu gihe ca ya myaka igihumbi, iryo sangangurwa rizoba ryatumye baba abazukiye gucirwako iteka. Ariko abazoba bazutse bakaguma ari intadohoka bobo bazoronka ingabirano y’ubuzima budahera. Vy’ukuri, bazoba ‘bazukiye ubuzima’.​—Yohana 5:29.

14 Icizigiro c’izuka gishobora kuduhumuriza gute no muri iki gihe nyene? Dutegerezwa none gukora iki kugira ngo ntituze tubure kuryungukirako mu gihe kiri imbere?

Ivyigwa twokwiga ubu

15. Kwizera izuka bishobora gute kudufasha ubu?

15 Ushobora kuba uherutse kubura uwawe, ukaba uriko urihanganira amahinduka akomeye aterwa n’ayo makuba. Icizigiro c’izuka kiragufasha gutekana mu mutima kikongera kikakuronsa inkomezi abatazi ukuri bataronka. Paulo yiruye Abanyatesalonike ati: “Ntitugomba ko muyoberwa ivy’abasinzira itiro ry’urupfu, ngo ntimubabare nka ba bandi badafise ivyizigiro” (1 Ab’i Tesalonike 4:13). Woba wibona mw’isi nshasha uriko uribonera ingene abantu bazuka? Nuhumurizwe no kuzirikana ku cizigiro c’uko ushobora kuzokwongera kubonana n’abawe.

16. Ushobora kuzokwumva umerewe gute mu gihe c’izuka?

16 Ushobora kuba uriko urashikirwa ku mubiri n’inkurikizi z’ubugarariji bwa Adamu kumbure mu kugira amagara mabi. Ntureke ngo amarushwa uterwa n’iyo ndwara atume wibagira icizigiro giteye umunezero c’uko wewe ubwawe uzozuka, ugasubira ukaritera ukarisama ufise amagara meza mw’isi nshasha. Ico gihe niwazuka maze ukanuye ukabona abantu akamwemwe ari kose bashashaye kunezeranwa nawe, ntuzobura gukurira ubwatsi Imana ku bw’ubuntu-mvarukundo bwayo.

17, 18. Ni ibihe vyigwa bibiri bihambaye dukwiye kwamiza ku mutima?

17 Mu kurindira ico gihe, ehe ivyigwa bibiri dukwiye kwamiza ku mutima. Icigwa ca mbere kijanye n’uko bihambaye ko dukorera Yehova n’umutima wacu wose guhera ubu nyene. Mu kwigana Databuja wacu Kirisitu Yezu, ubuzima bwacu bwo kwitanga burerekana ko dukunda Yehova na bagenzi bacu. Bishitse ukuturwanya canke uruhamo bigatuma dutakaza ibitubeshaho canke bikatubuza umwidegemvyo, turiyemeza kuguma dushikamye mu kwizera naho twoshikirwa n’ibigeragezo bimeze gute. Bishitse abaturwanya bakadukangisha kutwica, icizigiro c’izuka gica kituremesha kikongera kikadukomeza kugira ntitudohoke kuri Yehova no ku Bwami bwiwe. Emwe, umwete tugira mu gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa, uratuma tuguma turi mu bazoronka imihezagiro idahera Yehova abikiye abagororotsi.

18 Icigwa ca kabiri na co kijanye n’ingene twihanganira ibigeragezo biva ku mubiri munyagasembwa. Kumenya yuko hariho icizigiro c’izuka be no gukenguruka ubuntu tutabereye Yehova atugirira, birakomeza umwiyemezo wacu wo kuguma dushikamye mu kwizera. Intumwa Yohani yatuburiye ati: “Ntimugakunde isi, cank’ibiri mw isi. Umuntu ni yakunda isi, ugukunda Data wa twese ntikuzoba kuri muri we. Kukw ikiri mw isi cose ar’ivyifuzo vy’umubiri, n’ivyifuzo vy’amaso, n’ubgibone bg’ubu bugingo, bitanduruka kuri Data wa twese, ariko vyanduruka mw isi. Kand’isi irikw irashirana n’ivyifuzo vyayo, arik’ūkora ivy’Imana igomba yamah’ibihe bidashira” (1 Yohana 2:15-17). Ibisayangana vyo mw’isi vyibonekeza mu buryo bw’amaronko bizodukwega buhoro nitwabigereranya n’“ubu[zima] nyakuri” (1 Timoteyo 6:17-19). Turamutse twohejwe gukora ubuhumbu, tuzonana twivuye inyuma. Turatahura yuko hamwe vyoshika tugapfa imbere y’uko Harumagedoni ishika, nimba twabandanije kwigenza mu buryo budahimbara Yehova, vyoshobora gutuma tuja mu batazozuka.

19. Ni agateka ntangere akahe tudakwiye kwigera twibagira?

19 Hejuru ya vyose, ntidukwiye kwigera twibagira agateka ntangere twatewe ko kunezereza umutima wa Yehova ubu no mu bihe bidahera (Imigani 27:11). Iyo tugumye turi intahemuka gushika ku rupfu canke tukaguma turi intadohoka gushika ku muhero w’uru runkwekwe rw’ibintu rubi, birereka Yehova aho duhagaze kuri ca kibazo c’uwukwiye kugaba no kuganza kw’isi no mw’ijuru. Ese ukuntu rero bizoba biryoshe kuba kw’isi izoba yabaye Iparadizo, vyaba biciye ku kurokoka ya marushwa ahambaye canke ku kuzuka ku gitangaro!

Guhaza ivyipfuzo vyacu

20, 21. Ni igiki kizodufasha kuguma turi intahemuka naho hariho ibibazo tudafitiye inyishu bijanye n’izuka? Sigura.

20 Hariho ibibazo bimwebimwe umwihwezo twagize ku vyerekeye izuka utishuye. Yehova azotunganya ibintu gute ku bijanye n’abari bubatse izabo igihe bapfa (Luka 20:34, 35)? Abantu boba bazozukira aho bapfiriye? Boba bazozukira hafi y’imiryango yabo? Hariho n’ibindi bibazo injojo tudafitiye inyishu bijanye n’ingene ibintu bizogenda mu gihe c’izuka. Ariko rero, dukwiye kugumiza ku muzirikanyi aya majambo ya Yeremiya agira ati: “Uhoraho agirira neza abamwiteze, n’imitima imurondera. Ni vyiza k’umuntu yizigira, akitega agakiza k’Uhoraho atekereje” (Gucura intimba 3:25, 26). Igihe Yehova yashinze kigeze, ivyo vyose bizohishurwa, inyota twari tubifitiye ihere. Ivyo tuvyemezwa n’iki?

21 Zirikana ku majambo umwanditsi wa Zaburi yavuze ahumekewe igihe yaririmba ivyerekeye Yehova ati: “Upfumbaturura igipfunsi cawe, ugahāza ukwifuza kw’ibiriho vyose” (Zaburi 145:16). Uko tugenda turakura, ni ko ivyipfuzo vyacu bigenda birahinduka. Ivyo twipfuza tukiri abana, ubu si vyo twipfuza. Ibidushikira hamwe n’ivyizigiro dufise biragira ico bihinduye ku kuntu tubona ubuzima. Ariko ntiwumve, ivyipfuzo bibereye tuzoba dufise mw’isi nshasha vyaba ari ibihe, Yehova ntazobura kubihaza.

22. Ni kubera iki turi n’imvo yumvikana yo gushemeza Yehova?

22 Igikwiye kuraza ishinga umwe wese muri twebwe ubu, ni ukuguma turi abizigirwa. Bibiliya ivuga iti: “Ababgiriza babagomba ko baboneka ar’abizigirwa” (1 Ab’i Korinto 4:2). Turi ababwiriza b’inkuru nziza ininahaye ya bwa Bwami bw’Imana. Umwete tugira mu kubwira iyo nkuru nziza abo duhuye bose, uradufasha kuguma turi mu bazoronka ubuzima. Ntiwigere wibagira yuko “ibihe n’ibiza ku muntu” bipfa kutuzako twese (Umusiguzi 9:11). Kugira ngo wirinde amaganya adakenewe ava ku kutamenya ico buca bucana, nugumye ca cizigiro c’akaroruhore c’izuka. Nushire amazinda yuko bibonetse ko uzopfa imbere y’uko Intwaro ya Kirisitu y’imyaka igihumbi itangura kuganza, ushobora guhumurizwa n’uko uruhoza ruzoza ata kabuza. Igihe Yehova yashinze kigeze, uzoshobora gusubiramwo aya majambo Yobu yabwiye Umuremyi ati: ‘Uzompamagara nkwitabe’. Yehova ashemagizwe, we ashashaye gusubiza ubuzima abantu bose yibuka!​—Yobu 14:15.

[Utujambo tw’epfo]

a Raba ikinyamakuru Réveillez-vous! co ku wa 8 Mukakaro 1988, urupapuro rwa 10, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

b Les Témoins de Jéhovah: Prédicateurs du Royaume de Dieu, urupapuro rwa 662. Ico gitabu casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

Woba uvyibuka?

• Mu gihe ca ya myaka igihumbi, abantu bazocirwa imanza hisunzwe iki?

• Ni kubera iki bamwe ‘bazozukira ubuzima’, abandi na bo ‘bazukire gucirwako iteka’?

• Icizigiro c’izuka gishobora gute kuduhumuriza ubu?

• Amajambo ari muri Zaburi 145:16 adufasha gute ku vyerekeye ibibazo tudafitiye inyishu bijanye n’izuka?

[Ifoto ku rup. 21]

Kwizera izuka bishobora gute kudufasha ubu?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika