ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/5 rup. 25-30
  • ‘Niwiyumanganye mu bintu bigoye’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Niwiyumanganye mu bintu bigoye’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Yari umuntu w’akagaye mugabo akabigira mu kutamenya
  • Yari umugwaneza mugabo akagira umutima rugabo
  • Mu muryango
  • Impanuro iraba abakirisu bose
  • Abakora ibintu bibi boba bashobora guhinduka?
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Ishengero «rija mu kiringo c’amahoro»
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
  • Yezu atora Sawuli
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Mu Nzira Ija i Damasiko
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/5 rup. 25-30

‘Niwiyumanganye mu bintu bigoye’

“Umushumba w’Umwami wacu ntakwiye gutongana, arikw akwiye kugira ineza kuri bose, . . . no kwihangana [canke, “kwiyumanganya mu bimugora”, “UB”]”.​—2 Timoteyo 2:24.

1. Igihe turi mu gikorwa ca gikirisu, ni kubera iki bishika tugahura n’abantu bavugana ubukazi?

UVYIFATAMWO gute igihe uhuye n’abatakwerekwa canke baterekwa ico uri? Igihe intumwa Paulo yadondora ivyoranze imisi y’iherezo, yabuye yuko abantu bobaye “batukana, . . . barementanya, batigarura, inkazi” (2 Timoteyo 3:1-5, 12). Woshobora guhura n’abantu mwene abo mu busuku urangura canke mu bindi bikorwa.

2. Ni ivyanditswe ibihe bishobora kudufasha kuvyifatamwo mu buryo buranga ubukerebutsi igihe abantu batubwiye nabi?

2 Si ukuvuga yuko umuntu wese avugana ubukazi aba atitayeho na gato ibigororotse. Ingorane zikomeye canke umubabaro ukomeye vyoshobora gutuma abantu baryagagura umuntu wese bari kumwe (Umusiguzi 7:7). Benshi usanga bavyifatamwo gutyo kubera yuko baba canke bakorera ahantu usanga imvugo ibabaza ari ikintu gisanzwe. Ivyo ntibituma mwene iyo mvugo iba iyemewe kuri twebwe abakirisu, mugabo biradufasha gutahura igituma abandi bantu bayikoresha. None dukwiye kuvyifatamwo gute igihe hari uwudukariye? Mu Migani 19:11 hagira hati: “Kwitonda kw’umuntu kumutera guteba kuraka”. Kandi mu Baroma 12:17, 18 haduhanura hati: “Ntimusubirize umuntu mu nkōko ikibi yabagiriye. . . . Namba bishoboka, mu ruhande rwanyu, mwuzure n’abantu bose”.

3. Kuba indemeshamahoro bifitaniye isano gute n’ubutumwa twamamaza?

3 Nimba vy’ukuri turondera kwuzura n’abandi canke turi indemeshamahoro, ivyo bizobonekera mu gatima tugaragaza. Bizogaragarira mu vyo tuvuga no mu vyo dukora, kumbure no mu kuntu mu maso hacu hameze be no ku rugero rw’ijwi dukoresha (Imigani 17:27). Igihe Yezu yarungika intumwa ziwe kwamamaza, yazihanuye ati: “Mucinjira mu nzu muyiramutse [canke, “muyipfurize amahoro”, UB]; nya nzu ni yaba ibereye, amahoro yanyu azoyizako. Ni yaba itabereye, amahoro yanyu azobagarukako” (Matayo 10:12, 13). Ubutumwa twamamaza ni inkuru nziza. Bibiliya ibwita “inkuru nziza y’amahoro”, “inkuru nziza y’ikigongwe c’Imana”, ikongera ikabwita “iyi nkuru nziza y’Ubwami” (Abanyaefezi 6:15, UB; Ibikorwa vy’Abatumwa 20:24, UB; Matayo 24:14, NW). Intumbero yacu si ukunebagura ivyo uwundi muntu yemera canke guharira na we ku kuntu abona ibintu, ahubwo ni ugusangira na we inkuru nziza yo mw’Ijambo ry’Imana.

4. Ni nk’ibiki wovuga umuntu akubwiye ngo “Nta vyo nshaka” utaranavuga icatumye umugendera?

4 Uwo usanze ku muhana, atabanje vy’ukuri kwumviriza ivyo umubwira, hari aho woza wumva avuze ati: “Nta vyo nshaka”. Akatari gake woshobora kuvuga uti: “Nagomba gusa kubasomera iki canditswe kigufi kimwe co muri Bibiliya”. Hari aho atokwankira. Ikindi gihe, hari aho vyoba vyiza uvuze uti: “Nagomba kubayagira ivy’igihe ata karenganyo kazoba kariho, abantu bose na bo bakazoba bakundana”. Mu gihe ivyo bidaciye bituma uwo muntu agusaba ngo umusigurire, woshobora kwongerako uti: “Mugabo biboneka yuko ata kanya mufise”. Naho uwo dusanze ku muhana yoba avyakiriye nabi, twoba none dukwiye guca dushika ku ciyumviro c’uko ‘atabereye’? Uko yovyakira kwose, uribuka ya mpanuro Bibiliya itanga yo “kugira ineza kuri bose, . . . no kwihangana [canke, ‘kwiyumanganya mu bikugora’, UB]”.​—2 Timoteyo 2:24.

Yari umuntu w’akagaye mugabo akabigira mu kutamenya

5, 6. Sauli yafata gute abayoboke ba Yezu, kandi ni kubera iki yabafata gutyo?

5 Mu kinjana ca mbere, umugabo umwe yitwa Sauli yari azwi cane yuko avugana agasuzuguro, eka mbere yuko ari inkazi. Bibiliya ivuga yuko “[y]afuhagira, afitiye abigishwa b’Umwami imihigo n’ubgicanyi” (Ivyakozwe 9:1, 2). Mu nyuma yariyemereye yuko yari ‘umuntu arogota, ahamana kandi yambika abandi ibara’ canke w’akagaye (1 Timoteyo 1:13). Naho bamwebamwe mu ncuti ziwe bashobora kuba bari bamaze gucika abakirisu, yavuze ku vyerekeye agatima ubwiwe yari afise ku bijanye n’abayoboke ba Yezu ati: “Kuko nasazwa cane mbazira, narabatuza no gushitsa mu bisagara vy’abanyamahanga” (Ivyakozwe 23:16; 26:11; Abaroma 16:7, 11). Nta kintu cerekana yuko abigishwa ba Yezu bagerageje guharira na Sauli imbere y’abantu igihe yariko yigenza gutyo.

6 Ni kubera iki Sauli yavyifatamwo ukuraho? Haciye imyaka, yanditse ati: “Nabikoze ntabizi ntarizera” (1 Timoteyo 1:13). Yari Umufarizayo, yigishijwe “nk’uk’uruhande rugoye rw’ivyagezwe vya ba s[e]kuruza [rwa]ri” (Ivyakozwe 22:3). Naho biboneka yuko uwigishije Sauli ari we Gamaliyeli yasa n’uwutumira rwose ku vyiyumviro vyiwe, Kayafa wewe wa muherezi mukuru ari na we Sauli yahavuye yifatanya na we, yarerekanye ko yari afise ishaka rirenze urugero. Kayafa yari yabaye kizigenza mu mugambi washikanye kw’iyicwa rya Yezu Kirisitu (Matayo 26:3, 4, 63-66; Ivyakozwe 5:34-39). Inyuma y’ivyo, Kayafa yaragize uko ashoboye kwose kugira ngo intumwa za Yezu zitonagurwe, arongera arazihanikiriza kwigisha mw’izina rya Yezu. Kayafa yarahagarikiye Ikombe mu rubanza rwarimwo abantu bashangashiwe ari ho Sitefano yajanwa hanze kugira ngo yicishwe amabuye (Ivyakozwe 5:27, 28, 40; 7:1-60). Sauli yarihweje ingene Sitefano yicishwa amabuye, Kayafa na we aramuha uruhusha rwo guherengeteza abayoboke ba Yezu mu kuja kubafata i Damasiko (Ivyakozwe 8:1; 9:1, 2). Kubera ko Sauli yari ashigikiwe gutyo, yiyumvira ko inyifato yiwe yari ikimenyamenya c’umwete afitiye Imana, mugabo mu bisanzwe yari abuze ukwizera nyakuri (Ivyakozwe 22:3-5). Ivyo vyatumye Sauli adatahura yuko Yezu yari we Mesiya w’ukuri. Mugabo Sauli yahavuye yigarura igihe Yezu uwari yazutse yavugana na we ku gitangaro ku nzira ija i Damasiko.​—Ivyakozwe 9:3-6.

7. Ni ibiki vyashikiye Sauli inyuma y’aho amariye guhura na Yezu ku nzira ija i Damasiko?

7 Inyuma gato y’ivyo, umwigishwa Ananiya yararungitswe kubwira ubutumwa Sauli. Woba wari kugira igishika co kuja kumubwira ubutumwa? Ananiya yabanje gutinya, mugabo arahava avugisha Sauli n’ubugwaneza. Inyifato ya Sauli yari yahindutse inyuma y’aho amariye guhura na Yezu ku gitangaro ku nzira ija i Damasiko (Ivyakozwe 9:10-22). Yahavuye aba intumwa Paulo, umumisiyonari mukirisu w’umunyamwete.

Yari umugwaneza mugabo akagira umutima rugabo

8. Yezu yerekanye gute agatima nk’aka Se wiwe mu kuntu yabona abantu baba bakoze ibintu bibi?

8 Yezu yari umwamamaji w’Ubwami w’umunyamwete akaba n’umugwaneza, mugabo akagira umutima rugabo mu kuntu yafata abantu (Matayo 11:29). Yaragaragaje agatima ka Se wiwe wo mw’ijuru, umwe ahimiriza abanyakibi kureka inzira zabo mbi (Yesaya 55:6, 7). Mu kuntu Yezu yafata abanyavyaha, iyo batanze ikimenyamenya c’uko hariho ikintu bahinduye ntiyavyirengagiza kandi yararemesha mwene abo bantu (Luka 7:37-50; 19:2-10). Aho kugira ngo acire urubanza abandi yisunze ibiboneka inyuma, Yezu yiganye ubuntu bwa Se wiwe, ukwigumya kwiwe, be n’ukwihangana kwiwe, arondera kubashikana ku kwigaya (Abaroma 2:4). Yehova agomba ko abantu bose bigaya maze bakaronka ubukiriro.​—1 Timoteyo 2:3, 4.

9. Dushobora kwigira iki ku kuntu ibivugwa muri Yesaya 42:1-4 vyarangukiye muri Yezu?

9 Mu kwerekana ingene Yehova abona Yezu Kirisitu, Matayo umwanditsi w’Injili yasubiyemwo amajambo y’ubuhanuzi agira ati: “Nguyu umushumba wanje natoranije, nkunda, ahimbara umutima wanje; nzoshira [im]pwemu [y]anje kuri we, azomenyesha abanyamahanga amateka azocibga. Ntazosinda, kandi ntazoyogora, kandi nta wuzokwumva ijwi ryiwe mu nzira: ntazohohosha irenga rivunitse, n’urumuri ruyenga ntazoruzimya, gushitsa ah’azogomorera amateka akanesha; kand’izina ryiwe ni ryo abanyamahanga bazokwizigira” (Matayo 12:17-21; Yesaya 42:1-4). Mu buryo buhuye n’ayo majambo y’ubuhanuzi, Yezu ntiyinjira mu bihari vyuzuyemwo urwamo. N’igihe nyene yaba ari mu mikazo, yashikiriza ukuri mu buryo bwakwegera abantu b’imitima nziraburyarya.​—Yohana 7:32, 40, 45, 46.

10, 11. (a) Naho Abafarizayo bari mu bantu barwanya Yezu bivuye inyuma kuruta abandi, ni kubera iki yabwiye inkuru nziza bamwebamwe muri bo? (b) Ni inyishu bwoko ki Yezu yaha rimwe na rimwe abamurwanya, mugabo ni igiki atakora?

10 Mu gihe c’ubusuku bwiwe, Yezu yaraganira n’Abafarizayo benshi. Naho bamwebamwe muri bo bagerageza kumutega mu vyo avuga, Yezu ntiyaciye ashika ku ciyumviro c’uko bose bakora ibintu babitumwe n’imvo mbi. Uwitwa Simoni, akaba yari Umufarizayo yasa n’umuntu akunda gutorana amahinyu, biboneka yuko yashaka kwihweza Yezu yitonze, ari co gituma yaciye amutumira kugira basangire akajumbu. Yezu yaremeye ubwo butumire hanyuma abwira inkuru nziza abari ngaho (Luka 7:36-50). Ikindi gihe, hari Umufarizayo yubahwa cane yitwa Nikodemu yaje kuri Yezu yikinze agahumbezi. Yezu ntiyamunebaguye ngo ni uko yarindiriye ko bwira. Ahubwo riho yarabwiye Nikodemu inkuru nziza yerekeye urukundo Imana yagaragaje mu kurungika Umwana wayo kugira ngo itume abomwizeye bashobora kuronka ubukiriro. Yezu abigiranye ubuntu yarerekanye kandi akamaro ko kugamburuka indinganizo Imana yashizeho (Yohana 3:1-21). Nikodemu mu nyuma yaravugiye Yezu igihe abandi Bafarizayo bafatira mu rwara amajambo meza avuzwe kuri Yezu.​—Yohana 7:46-51.

11 Yezu ntiyabura kubona uburyarya bw’abarondera kumutega umutego. Ntiyaretse ngo abamurwanya bamujane mu bihari bitagira mvura. Ariko rero igihe vyaba bibereye, yaratanga inyishu ngufi kandi zijijura mu gutanga ingingo ngenderwako, mu gukoresha umugani, canke mu gusubiramwo amajambo avugwa mu canditswe kinaka (Matayo 12:38-42; 15:1-9; 16:1-4). Mu bindi bihe na ho, Yezu yaranka kwishura igihe vyaba biboneka yuko ata ciza covamwo.​—Mariko 15:2-5; Luka 22:67-70.

12. N’igihe nyene abantu baba babonye Yezu bagaca bamuvuzako induru, yabafasha gute?

12 Vyarashika abantu bafashwe n’impwemu zihumanye Yezu bakamuvuzako induru. Igihe ivyo bishitse, yariyumanganya akongera mbere agakoresha ububasha yahawe n’Imana kugira ngo abatabare (Mariko 1:23-28; 5:2-8, 15). Igihe abantu bamwebamwe bashavuye maze bakatuvuzako induru turi mu busuku, natwe nyene turakenera kwigumya, kandi dukwiye kugerageza gukoresha ubugwaneza n’ubugenge mu kuntu tuvyifatamwo.​—Ab’i Kolosayi 4:6.

Mu muryango

13. Ni kubera iki abantu rimwe na rimwe barwanya uwo mu muryango wabo atanguye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova?

13 Ivy’uko abayoboke ba Yezu bakeneye kwiyumanganya birigaragaza canecane mu muryango. Umuntu yakozwe ku mutima bimwe bishika ibwina n’ukuri kwa Bibiliya usanga yipfuza cane ko bigenda gutyo nyene no ku muryango wiwe. Mugabo nk’uko Yezu yabivuze, abo mu muryango boshobora kutwanka (Matayo 10:32-37; Yohana 15:20, 21). Hariho imvo nyinshi zibituma. Nk’akarorero, naho ivyo Bibiliya yigisha bishobora kudufasha gucika abantu b’inzirabugunge, bitaho ivyo bajejwe, kandi bubaha abandi, Ivyanditswe vyigisha kandi yuko uko ibintu vyoba vyifashe kwose, ivyo tubwirizwa ku Muremyi wacu ari vyo bihambaye kuruta ibindi vyose (Umusiguzi 12:1, 13; Ivyakozwe 5:29). Uwo mu muryango yoba abona umenga ububasha afise mu muryango busa n’uburiko buragabanuka bitumwe n’uko twanka guhemukira Yehova, yoshobora kubabara. Igihe ibintu vyifashe gutyo, ese ukuntu bihambaye ko dukurikiza akarorero Yezu yatanze ko kugaragaza ukwiyumanganya!​—1 Petero 2:21-23; 3:1, 2.

14-16. Ni ibiki vyatumye bamwebamwe bahora barwanya abo mu miryango yabo bahinduka?

14 Benshi mu basukurira Yehova muri iki gihe, bari bafise uwo bubakanye canke uwundi muntu wo mu muryango yarwanije amahinduka bariko baragira igihe batangura kwiga Bibiliya. Abo bene kubarwanya bashobora kuba barumvise amajambo avuga nabi Ivyabona vya Yehova, maze kumbure bagatinya yuko abo mu rugo iwabo bohava bahinduka bakamera nabi. Ni igiki catumye bahindura inyifato yabo? Incuro nyinshi, ikintu nyamukuru cabitumye ni akarorero keza batanze. Bitumwe n’uko uwizera yashize mu ngiro impanuro zo muri Bibiliya ashikamye, mu kwitaba amakoraniro ya gikirisu adahorereza no mu kugira uruhara mu busuku mugabo kandi ntiyibagire kwitwararika amabanga yo mu muryango no kwigumya igihe hari uwumubwiye nabi, ukurwanywa n’abo mu muryango kwahavuye kugabanuka.​—1 Petero 2:12.

15 Uwuturwanya ashobora kandi kuba yaranse kwumviriza na gato ivyo tumusigurira muri Bibiliya bitumwe n’umwikeko asanganywe canke ubwishime. Ukwo ni ko vyari bimeze ku mugabo umwe wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yavuze yuko yari umuntu akunda igihugu cane. Igihe kimwe aho umukenyezi wiwe yari kw’ihwaniro, yarafashe impuzu ziwe zose maze arigira. Ikindi gihe na ho, yavuye i muhira afise inkoho maze avuga ko ategerezwa kwiyica. Yaragirije idini uwo mukenyezi wiwe arimwo ngo ni ryo ribazwa ukwigenza nabi ukwo ari kwo kwose kwiwe (ukwa nya mugabo). Mugabo nya mukenyezi wiwe yaragerageje kuguma ashira mu ngiro impanuro zo muri Bibiliya. Haciye imyaka 20 nya mukenyezi ari Icabona ca Yehova, uwo mugabo na we nyene yaracitse Icabona. Muri Alubaniya, hari umugore umwe yashavujwe n’uko umukobwa wiwe yiganye Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova mu nyuma akabatizwa. Incuro 12 nya muvyeyi yaratabaguye Bibiliya y’umukobwa wiwe. Hanyuma umusi umwe yarazinguruye Bibiliya nshasha umukobwa wiwe yari yasize ku meza. Nya muvyeyi yagiye abona aguye kuri Matayo 10:36, aca abona ko ibivugwa muri ico canditswe ari vyo yagize. Naho vyari ukwo, kubera ko yari arajwe ishinga n’ineza y’umwigeme wiwe, nya muvyeyi yaramuherekeje ku bwato igihe nya mukobwa yagira ajane n’ibindi Vyabona kw’ihwaniro mu Butaliyano. Uwo muvyeyi abonye ingene abo muri uwo mugwi w’ivyabona bakundana, ingene bagwana mu nda n’ingene bamwenyura, akongera akumva ingene batwenga bahimbawe, yaciye atangura kwiyumva ukundi. Haciye igihe gito, yaremeye kwiga Bibiliya. Muri iki gihe arihatira gufasha abandi babanza kubirwanya.

16 Igihe kimwe, umugabo afise ikibugita mu minwe yahagaze imbere y’umugore wiwe, amukankamira mu kumwagiriza bimwe bikomeye igihe nya mugore yari ageze hafi y’Ingoro y’Ubwami. Uwo mugore yishuranye ubwitonzi ati: “Ingo mu Ngoro y’Ubwami wirabire nawe”. Nya mugabo yarinjiye, maze haciye igihe aracika umukurambere mukirisu.

17. Iyo bishitse ibere rikayaga mu rugo rw’abakirisu, ni impanuro izihe zo muri Bibiliya zishobora gufasha?

17 N’igihe nyene abo mu rugo iwanyu bose ari abakirisu, birashobora gushika ibere rikayaga, eka mbere hagakoreshwa n’amajambo akaze bitumwe n’agasembwa ka muntu. Birahambaye kubona abakirisu bo muri Efeso ha kera barahawe impanuro igira iti: “Umururazi wose no kujingitwa n’uburake no gutongana no gutukana bibavemwo, hamwe n’inzigo yose” (Abanyefeso 4:31). Biboneka yuko ivyo vyashobora guterwa n’ibintu abakirisu babamwo i Efeso, agasembwa kabo bwite, rimwe na rimwe na ho bigaterwa n’ubuzima bahorana. Ni igiki none cobafashije guhinduka? Bari bakeneye ‘guhinduka basha mu nguvu ikoresha umuzirikanyi wabo’ (Abanyefeso 4:23, NW). Uko biga Ijambo ry’Imana, bakazirikana ku kungene rikwiye guhindura ubuzima bwabo, bakifatanya n’abakirisu bagenzi babo, bakongera bagasengana ubwira, ivyamwa vy’impwemu y’Imana vyorushirije kwigaragaza mu buzima bwabo. Bokwize ‘kugiriranira neza, kugiriranira imbabazi, guharirana, nk’uko Imana na yo yabahaririye muri Kirisitu’ (Abanyefeso 4:32). Tutaravye ivyo abandi boshobora gukora, turakeneye kugaragaza ukwiyumanganya, mu kuba abantu bagira neza canke b’abanyabuntu, b’abanyembabazi, baharira abandi. Nkako, dutegerezwa ‘kudasubiriza umuntu mu nkoko ikibi yatugiriye’ (Abaroma 12:17, 18). Kugaragaza urukundo rutari urw’uruheyiheyi mu kwigana Imana, cama ari ikintu kibereye twokora.​—1 Yohana 4:8.

Impanuro iraba abakirisu bose

18. Ni kubera iki impanuro dusanga muri 2 Timoteyo 2:24 yari ibereye ku mukurambere wo muri Efeso ha kera, kandi ishobora gute kugirira akamaro abakirisu bose?

18 Ya mpanuro yo “kwiyumanganya mu bi[t]ugora” iraraba abakirisu bose (2 Timote 2:24, UB). Mugabo yabanje guhabwa Timoteyo, uwari ayikeneye igihe yari umukurambere i Efeso. Bamwebamwe mw’ishengero ryo ngaho barashimika rwose mu guserura ivyiyumviro vyabo bakongera bakigisha inyigisho z’ikinyoma. Kubera yuko batatahura neza intumbero y’Ivyagezwe vya Musa, ntibashoboye gutegera akamaro ko kugira ukwizera, urukundo be n’ijwi ryo mu mutima ritabagiriza ikibi. Ubwishime bwatuma haba imihazuko igihe baba bariko baraharira ku majambo, kandi ntibashobore gutahura ico inyigisho za Kirisitu zashaka gushikako be n’akamaro ko kwibanda ku Mana. Mu gutorera umuti ivyo bintu, Timoteyo yategerezwa gushikama ku kuri kwo mu Vyanditswe, yamara akaba umugwaneza mu kuntu afata abavukanyi biwe. Cokimwe n’abakurambere bo muri iki gihe, yari azi yuko umukuku atari uwiwe be n’uko yategerezwa gufata abandi mu buryo bworemesheje urukundo n’ubumwe biranga abakirisu.​—Abanyefeso 4:1-3; 1 Timoteyo 1:3-11; 5:1, 2; 6:3-5.

19. Ni kubera iki bihambaye ko twese ‘turondera ukwicisha bugufi’?

19 Imana ihimiriza abasavyi bayo ‘kurondera ukwicisha bugufi’ (Zefaniya 2:3). Imvugo y’igiheburayo yahinduwe ngo “ukwicisha bugufi” yerekana inyifato yo mu mutima ituma umuntu ashobora kwihanganira ibimubabaza, atarinze gushavura canke kwihora. Nimuze dutakambire Yehova tumusaba ngo adufashe kugira ngo tugaragaze ukwiyumanganya maze tumuserukire mu buryo bubereye, mbere no mu bintu bigoye.

Wize iki?

• Igihe hari umuntu akubwiye nabi, ni ivyanditswe ibihe vyogufasha?

• Ni kubera iki Sauli yakorana akagaye?

• Akarorero Yezu yatanze kadufasha gute kumenya ingene twofata abantu batandukanye mu buryo bubereye?

• Kwiyumanganya mu vyo tuvuga bishobora kuvamwo iki i muhira?

[Ifoto ku rup. 26]

Naho Sauli yari azwi nabi, Ananiya yamufashe runtu

[Ifoto ku rup. 29]

Igihe umukirisu arangura amabanga ajejwe adahemuka birashobora gutuma kurwanywa n’abo mu muryango bigabanuka

[Ifoto ku rup. 30]

Abakirisu bararemesha urukundo n’ubumwe

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika