Filo w’i Alegizandiriya—Ingene yavanze Ivyanditswe n’ivyiyumviro bidafise ishingiro
MU 332 B.G.C., Alegizandere Mukuru yarinjiye n’ingabo ziwe mu Misiri. Imbere y’uko afata inzira ija mu Buseruko mu rugamba rwiwe rwo kwigarurira isi, yarashinze igisagara yise Alegizandiriya. Cabaye icicaro c’imico kama y’Ubugiriki. Muri ico gisagara, nko mu mwaka wa 20 B.G.C., haravutse uwundi murwanyi, uwo na we ibirwanisho yakoresha bikaba bitari inkota n’amacumu, ahubwo vyari ivyiyumviro bishingiye kuri filozofiya. Yitwa Filo w’i Alegizandiriya, canke Filo Umuyuda kubera yuko yakuriye mu mico y’Abayuda.
Kwa gushwiragira kw’Abayuda, ukwabaye inyuma y’aho Yeruzalemu isanganguriwe mu 607 B.G.C., kwatumye Abayuda benshi baja kuba mu Misiri. Abashika ku bihumbi bagiye kuba i Alegizandiriya. Ariko rero, hari ingorane hagati y’Abayuda n’ababanyi babo b’Abagiriki . Abayuda baranka gusenga imana z’Abagiriki, Abagiriki na bo bagatyekeza Ivyanditswe vy’igiheburayo. Kubera ko Filo yari yarize mu mashure y’Abagiriki mugabo akaba yarerewe mu Bayuda, yari azi ukwo kutumvikana. Yaremera yuko idini ry’Abayuda ari ryo dini ry’ukuri. Mugabo Filo ntiyari ameze nk’Abayuda benshi kubera ko wewe yarondera gushikana Abanyamahanga ku Mana abicishije mu nzira y’amahoro. Yashaka gutuma bemera idini ry’Abayuda.
Aha insobanuro nshasha ivyanditswe kera
Ururimi kavukire rwa Filo rwari ikigiriki, nk’uko vyari biri ku Bayuda benshi baba i Alegizandiriya. Impinduro y’ikigiriki y’Ivyanditswe vy’igiheburayo yitwa Septante ni yo rero yakoresha mu kwiga. Igihe yasuzuma igisomwa co muri Bibiliya Septante, yarashwirutse yuko carimwo ivyiyumviro vya filozofiya be n’uko ngo Musa yari “umufilozofe w’umuhanga”.
Ibinjana n’ibindi imbere y’aho, abanyabwenge b’Abagiriki bari barabonye yuko inkuru zerekeye imana be n’imanakazi, ni ukuvuga vya bigatanya be n’amadayimoni bivugwa mu bitito vy’Abagiriki vya kera, zigoye kwemera. Baciye batangura gusobanura mu bundi buryo izo nkuru za kera. Incabwenge imwe yo mu gihe c’Abagiriki n’Abaroma yitwa James Drummond yavuze ibikurikira ku vyerekeye uburyo bakoresha: “Umufilozofe yaratangura kurondera insobanuro zitaboneka zihishije mu nkuru z’ibitito, agafatira ku bintu bivugwa muri zo biteye isoni kandi bitagira umutwe n’amaguru, agaca yemeza yuko bene gutanguza izo nkuru bategerezwa kuba bari bafise intumbero yo gushira ahabona ukuri gukomeye canke ukuri gucisha ubwenge, biciye ku mvugo ngereranyo ikabura ikoreshwa muri zo”. Ubwo buryo bakoresha bwitwa ugutanga insobanuro ngereranyo, kandi Filo yaragerageje kubukoresha mu gusigura Ivyanditswe.
Nk’akarorero, rimbura ibivugwa mw’Itanguriro 3:22 mu mpinduro Septante y’uwitwa Bagster. Havuga hati: “Umukama Imana ahingurira Adamu n’umugore wiwe imyambaro y’urusato, maze arabambika”. Abagiriki biyumviriye yuko guhingura impuzu cari igikorwa cosuzuguza Imana Musumbavyose. Filo rero yaciye afata ko muri ico canditswe harimwo imvugo ngereranyo, maze avuga ati: “Umwambaro w’insato ni imvugo ngereranyo igereranya urukoba, ni ukuvuga umubiri wacu; kubera yuko Imana yabanje kurema ubwenge, ikabwita Adamu; hanyuma irema ubushobozi bwo kugira ico umuntu akoze ibwita Ubuzima. Ubugira gatatu, kubera yasanze bikenewe, yararemye n’umubiri iwita umwambaro w’insato mu mvugo ngereranyo”. Muri ubwo buryo, Filo yaragerageje gutuma igikorwa Imana yakoze co kwambika impuzu Adamu na Eva kiba iciyumviro co kuzirikanako gishingiye kuri filozofiya.
Rimbura kandi ibivugwa mw’Itanguriro 2:10-14, ahadondora isôko ry’amazi yo mw’itongo ry’i Edeni hakongera hakavuga inzuzi zine zatemba ziva muri iryo tongo. Filo yaragerageje kurondera insobanuro yihishije muri ayo majambo aho kuyafata ko adondora itongo. Amaze kugira ico avuze kuri iyo ntara ubwayo, yavuze ati: “Kumbure ayo majambo arimwo n’insobanuro ngereranyo; kubera ko izo nzuzi zine zigereranya kamere zine”. Yiyumviriye yuko uruzi Pishoni rugereranya kamere y’ukwiyubara, uruzi Gihoni rukagereranya ukwigengesera, uruzi Hidekeli rukagereranya ukwiyumanganya, Efurate na rwo rukagereranya ubutungane. Gutyo rero, ukugereranya kwari gusubiriye indondabihugu.
Filo yarakoresheje insobanuro ngereranyo kugira ngo asuzume inkuru ivuga ivy’irema, inkuru ivuga ingene Kayini yagandaguye Abeli, wa Mwuzure wo mu gihe ca Nowa, kwa kuyoberanywa kw’indimi kwabera i Babeli, be n’ingingo ngenderwako nyinshi zo mu Vyagezwe vya Musa. Nk’uko akarorero ko mu ngingo y’imbere y’iyi kavyerekana, Filo akenshi yaremera icese iciyumviro giseruka nk’uko gisomwe mu murongo munaka wo muri Bibiliya, hanyuma agaca avuga ingene awutahura mu buryo bw’ikigereranyo mu gutanguza amajambo nk’aya ngo: “Kumbure twari dukwiye kwihweza ivyo bintu nk’aho vyavuzwe mu buryo bw’ikigereranyo”. Ikibabaje ni uko mu vyo Filo yanditse imvugo ngereranyo ari zo ziboneka cane, insobanuro yibonekeza y’Ivyanditswe yoyo igaca izimangana.
Imana ni nde?
Filo yarahaririye ashigikira ivy’uko Imana iriho akoresheje ikigereranyo gikomeye. Amaze kudondora ubutaka, inzuzi, imibumbe, be n’inyenyeri, yaciye asozera ati: “Isi ni co kintu cakoranywe ubuhinga be n’ubuhanga kuruta ibindi bintu vyose, nk’aho yoba yahinguwe n’umuntu w’umuhinga karuhariwe kandi afise ubumenyi butagira agahaze. Ico ni co catumye twiyumvira ko hariho Imana”. Ico cari iciyumviro cumvikana.—Abaroma 1:20.
Mugabo igihe Filo yasigura ukuntu Imana Mushoboravyose imeze, yavuze ibihushanye rwose n’ukuri. Filo yavuze yuko Imana “idafise kamere ziyiranga” be n’uko ngo Imana “ata wushobora kuyitahura”. Filo yaraciye intege abarondera kumenya Imana, mu kuvuga yuko “kugerageza kurenga ng’aho mu gushishikara gutohoza ukuntu Imana imeze canke kamere ziyiranga, ari ugusara”. Ukwo kwiyumvira ntikwavuye muri Bibiliya, ahubwo kwavuye ku mufilozofe w’umupagani yitwa Pulato.
Filo yavuze yuko Imana ata wushobora kuyitahura na gato, ku buryo bidashoboka kuyihamagara mw’izina ry’uruharo. Filo yavuze ati: “Ni co gituma vyumvikana rwose yuko ata zina ry’uruharo bikwiranye yari guhabwa, yo tuzi vy’ukuri yuko ari Imana nzima”. Ese ukuntu ivyo bihushanye n’ukuri!
Bibiliya irerekana mu buryo butomoye yuko Imana ifise izina ry’uruharo. Muri Yesaya 12:2 havuga hati: “Ehe rāba, Imana ni yo gakiza kanje; nzokwama nizigira, sintinye: kuk’Uhoraho Yehova ari we nkomezi zanje n’indirimbo yanje, kandi yacitse agakiza kanje”. Muri Yesaya 42:8 (NW), herekana yuko Imana yavuze iti: “Jewe ndi Yehova. Iryo ni ryo zina ryanje”. Ni kubera iki none Filo, Umuyuda yari azi ivyo vyanditswe vyo muri Bibiliya, yigisha yuko Imana itagira izina? Ni kubera yuko atariko adondora ya Mana ibaho koko yahumetse Bibiliya, ahubwo yariko adondora imana itagira izina, idatahurika ishingiye kuri filozofiya y’Abagiriki.
Iciswe ubugingo canke umutima w’ubwenge ni iki?
Filo yigisha yuko umutima w’ubwenge utandukanye n’umubiri. Yavuga yuko umuntu “agizwe n’umubiri be n’umutima w’ubwenge”. Umutima w’ubwenge woba ushobora gupfa? Ehe raba insobanuro Filo yatanze: “Iyo turi bazima, tuba turi bazima mugabo umutima wacu w’ubwenge uba warapfuye ugahambwa mu mubiri wacu, nk’aho woba uri mu mva. Mugabo iyo [umubiri] upfuye, ubugingo bwacu buca bugira ubuzima busanzwe, kubera buba bubohowe bukava mu mubiri mubi kandi wapfuye bwari bubohewemwo”. Filo yabona ko umutima w’ubwenge upfa mu buryo bw’ikigereranyo. Ngo mu vy’ukuri ntiwigera upfa. Ngo ntuhwera.
Ariko none, Bibiliya yigisha iki ku co bita umutima w’ubwenge canke iciswe ubugingo? Mw’Itanguriro 2:7 hagira hati: “Uhoraho Imana abumba umuntu mu mukungugu wo hasi, amuhumekera mu mazuru impwemu y’ubu[zima]; umuntu aca aba ūfise ubugingo”. Nk’uko Bibiliya ibivuga ng’aho mu rurimi rw’intango, abantu ntibafise ubugingo canke ico benshi bita ngo ni umutima w’ubwenge; ahubwo iciswe ubugingo ni ico bari.
Bibiliya yigisha kandi yuko ico benshi bita ngo ni umutima w’ubwenge canke ngo ni ubugingo, gihwera. Muri Ezekiyeli 18:4, havuga hati: “Umuntu akora icaha ni we azopfa”. Mu rurimi rw’intango, ijambo ryakoreshejwe ku muntu muri ico canditswe, ni ryo bahinduye ngo ni ubugingo, abandi ngo ni umutima w’ubwenge. Dufatiye kuri ivyo vyanditswe nta cotubuza gushika kuri iki ciyumviro: Ico bise ubugingo ni we muntu. Ku bw’ivyo, iyo umuntu apfuye, ico bise ubugingo abenshi na bo ngo ni umutima w’ubwenge, kiba gipfuye.—Itanguriro 19:19a.
Inyuma y’aho Filo apfiriye, Abayuda ntibabandanije kwitaho inyigisho ziwe. Ariko rero, abiyita abakirisu bobo baremeye inyigisho ziwe. Uwitwa Ewuzebi be n’izindi ndongozi z’idini baremera yuko Filo yari yarahindukiriye ubukirisu. Uwitwa Jérôme yamushize mu Bakuru ba Ekeleziya. Abayuda si bo bazigamye ivyo Filo yanditse, ahubwo abakirisu b’abahuni ni bo babizigamye.
Ivyo Filo yanditse vyatumye haba ihinduka rikomeye mu vy’idini. Akosho kiwe kashikanye abiyita abakirisu ku kwemera inyigisho inyuranye n’Ivyanditswe y’ukudahwera kw’ubugingo. Kandi ukuntu Filo yigisha ivyerekeye Logosi (canke, Jambo) vyatumye hatsimbatara Ubutatu, na bwo bukaba ari inyigisho y’abakirisu b’abahuni idashingiye kuri Bibiliya.
Ntuzimizwe
Igihe Filo yiga Ivyanditswe vy’igiheburayo, yararavye neza yuko “ata nsobanuro ngereranyo n’imwe yinyegeje mu mvugo isanzwe yomuca mu ryahumye”. Ariko rero, nk’uko tubisanga mu Gusubira mu vyagezwe 4:2, Musa yavuze ku vyerekeye Ivyagezwe vy’Imana ati: “Ntimuze mwungurire ku vyagezwe mbagera, canke ngo mubigabanye, kugira ngo mubone kwitondera ivyagezwe vy’Uhoraho Imana yanyu mbagera”. Naho Filo yari afise imigabo yaboneka ko ari myiza, yarongeyeko ivyiyumviro bidafise ishingiro vyatwikiriye inyigisho itomoye yo mw’Ijambo ry’Imana, nka kurya kw’igipfungu kinini.
Intumwa Petero yavuze ati: “[Ntitwa]kurikiye [“imigani y’ibinyoma yaremaremwe mu buryo bw’urwenge”, NW], hamwe twabamenyesha ubushobozi bg’Umwami wacu Yesu Kristo no kuzoza kwiwe” (2 Petero 1:16). Inyobozo Petero yahaye ishengero rya gikirisu ryo mu ntango zari zitandukanye n’ivyo Filo yanditse, kubera zozo zari zishingiye ku bimenyamenya bifadika no ku buyobozi bw’impwemu y’Imana, ari yo ‘mpwemu y’ukuri’, ino na yo ikaba yarabarongora ikabashitsa ku kuri kwose.—Yohana 16:13.
Nimba urondera gusenga ya Mana yahumeka Bibiliya, ico ukeneye ni uburongozi bwo kwizigirwa, si insobanuro zishingiye ku vyiyumviro vy’abantu. Urakeneye ubumenyi ntagakosa bwerekeye Yehova n’ivyo agomba, ukaba kandi ukeneye kwicisha bugufi kugira ngo ube umutohoji w’inziraburyarya. Niwiga Bibiliya ufise ako gatima keza, uzomenya “ivyanditswe vyera bishobora kukumenyesha ubgenge bgo kukuzanira agakiza gaheshwa no kwizera Kristo Yesu”. Uzobona yuko Ijambo ry’Imana rishobora gutuma uba umuntu “[a]shitse, afise ibimukwiye vyose, ngw akore igikorwa ciza cose”.—2 Timoteyo 3:15-17.
[Akajambo k’epfo]
a Ku vyerekeye iciswe ubugingo ari co benshi bita ngo ni umutima w’ubwenge, igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (The Jewish Encyclopedia) co mu 1910 kivuga giti: “Inyigisho y’uko ubugingo bubandanya kubaho inyuma y’uko umubiri usanguka ni ikintu gishingiye ku gukekeranya mu vya filozofiya no mu vya tewolojiya, aho kuba ukwizera gusanzwe, kandi gutyo nta na hamwe vyigishijwe mu buryo butomoye mu Vyanditswe Vyeranda”.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 10]
IGISAGARA CA FILO
I Alegizandiriya mu Misiri ni ho Filo yaba kandi ni ho yakorera. Ico gisagara camaze ibinjana n’ibindi ari co kibanza gikomeye kw’isi cabikwamwo ibitabu kikongera kikaberamwo ibiganiro vy’incabwenge.
Abanyeshure bigishwa n’incabwenge za rurangiranwa zigisha mu mashure yo muri ico gisagara. Ububiko bw’ibitabu bw’i Alegizandiriya bwarabaye rurangiranwa mw’isi. Ivyari muri ubwo bubiko vyarongerekanye bishika ku bihumbi amajana n’amajana kubera ko abajejwe ububiko barondera kuronka amakopi y’ikintu cose canditswe.
Haciye igihe, icubahiro isi yose yari ifitiye Alegizandiriya be n’ubumenyi bwari muri ico gisagara vyagiye biragabanuka. Abami b’abami b’i Roma bafashe igisagara cabo bakirutisha ibindi vyose, maze icicaro c’ivy’imico kama cimukira i Buraya. Ugutemba kw’igisagara ca Alegizandiriya kwashitse ku gihe c’agaheta mu kinjana c’indwi G.C. igihe inteko zatera ico gisagara zikacigarurira. Gushika uyu musi, abatohozakahise baracababazwa n’ivyo ubwo bubiko rurangiranwa bw’ibitabu bwatakaje, bamwebamwe bakaba bavuga yuko ngo iterambere mu vy’imico kama n’akaranga ryasubijwe inyuma imyaka 1.000.
[Abo dukesha ifoto]
L. Chapons/Illustrirte Familien-Bibel nach der deutschen Uebersetzung Dr. Martin Luthers
[Uruzitiro ku rup. 12]
INSOBANURO NGERERANYO MURI IKI GIHE
Ingereranyo akenshi usanga ari “uburyo bwo kuvuga ibintu vy’ukuri bijanye n’ubuzima bw’abantu canke bisanzwe vyemerwa ko ari ivy’ukuri, ukabivuga mu buryo bw’ikigereranyo ukoresheje abantu batabayeho be n’ivyo bakoze”. Inkuru zikoresha ingereranyo zivugwa yuko zigereranya ibintu bihambaye cane biba bihishijwe. Cokimwe na Filo w’i Alegizandiriya, abigisha bamwebamwe bo mu madini yo muri iki gihe barakoresha insobanuro ngereranyo kugira ngo basigure Bibiliya.
Rimbura ibivugwa mw’Itanguriro ikigabane ca 1-11, ahanditswe kahise k’abantu kuva kw’iremwa gushika ca gihe ibisata vy’abantu vyasabagira mu gihe c’iyubakwa ry’umunara w’i Babeli. Impinduro imwe y’Abagatolika (The New American Bible) ivuga ku vyerekeye ico gihimba ca Bibiliya iti: “Kugira ngo ukuri kuri muri ivyo bigabane kwumvikane ku Bisirayeli bari kuzokuzigama, kwategerezwa kuvugwa mu bintu abantu bo muri ico gihe bari bamenyereye. Ku bw’iyo mvo, ukwo kuri ubwakwo gutegerezwa rero gutandukanywa mu buryo buboneka n’impuzu zigupfutse zo mu buryo bw’ikigereranyo”. Ivyo bishaka kuvuga yuko mw’Itanguriro ikigabane ca 1-11 hadakwiye gufatwa nk’uko handitswe. Ahubwo, ngo nka kurya nyene impuzu zipfuka umubiri, ngo ni na ko amajambo apfuka insobanuro ishika ibwina.
Ariko rero, Yezu yigishije yuko ibivugwa muri ivyo bigabane bitangura mu gitabu c’Itanguriro bikwiye gufatwa nk’uko vyanditswe (Matayo 19:4-6; 24:37-39). Intumwa Paulo na Petero na bo nyene ni ko bigishije (Ivyakozwe 17:24-26; 2 Petero 2:5; 3:6, 7). Abatohoji ba Bibiliya b’inziraburyarya baramirira kure insobanuro idahuza n’Ijambo ry’Imana ryose uko ringana.
[Ifoto ku rup. 9]
Wa munara wakaka uhambaye w’i Alegizandiriya
[Abo dukesha ifoto]
Archives Charmet/Bridgeman Art Library