Turashobora kwihanganira ikigeragezo ico ari co cose!
WOBA uhanganye n’ikigeragezo mu buzima bwawe? Woba wumva wihebuye, ukumva ico kigeragezo utoshobora kucihanganira? Vyoba mbere bishika ukibwira yuko ingorane ufise idasanzwe, be n’uko idashobora gutorerwa umuti? Nimba ari ukwo biri, nureme! Bibiliya idukura amazinda yuko naho twoshikirwa n’ibigeragezo bimeze gute, Imana ishobora kudufasha kuvyihanganira.
Bibiliya iravuga yuko abasavyi b’Imana ‘bazoshikirwa n’ibigeragezo bitari bimwe’ (Yakobo 1:2). Rimbura ijambo ry’ikigiriki (poi·kiʹlos) ryahinduwe ngo “bitari bimwe”. Twisunze ingene ryakoreshwa kera, iryo jambo ryerekeza ku kintu “gifise imice itandukanye” canke “gifise amabara menshi”, kandi rishimika ku ‘kuba ari ibigeragezo binyuranye’. Ku bw’ivyo, ‘ibigeragezo bitari bimwe’ ni ibigeragezo biza bifise amabara atandukanye, tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo. Yamara, Yehova aradufasha kwihanganira ico ari co cose muri ivyo. Ni kubera iki ivyo dushobora kuvyemera tudakeka?
‘Ubuntu tutabereye bw’Imana bugaragazwa mu buryo bwinshi’
Intumwa Petero avuga yuko abakirisu “[ba]babazwa n’ibibagerageza vyinshi” (1 Petero 1:6). Mu nyuma, mw’ikete yanditse ahumekewe, avuga yuko ‘ubuntu tutabereye bw’Imana bugaragazwa mu buryo bwinshi’ (1 Petero 4:10, NW). Iyo mvugo ngo ‘mu buryo bwinshi’ iri mu mero ya rya jambo nyene ry’ikigiriki ryo mu ntango. Hari incabwenge mu vya Bibiliya yavuze ku vyerekeye iyo mvugo ati: “Ico ni iciyumviro gikomeye rwose. . . . Kuvuga yuko inema y’Imana [canke, ubuntu bwayo tutabereye] ari poikilos, bisobanura yuko naho umuntu yoshikirwa n’ibintu bisa gute, ata na kimwe muri vyo inema y’Imana idashobora gutorera umuti”. Yongerako ati: “Ibintu vyaba vyifashe gute, haba hariho ingorane zikomeye gute, haba hariho ikintu gikenewe vyihutirwa ku rugero rungana iki, nta na kimwe muri vyo gishobora gutangira inema y’Imana, kandi nta na kimwe iyo nema y’Imana yonanirwa gutorera umuti ruhasha. Nta kintu na kimwe mu buzima gishobora kunanira inema y’Imana. Iryo jambo ritekeye insobanuro ari ryo poikilos rituma duca twibuka iyo nema y’Imana ifise amabara menshi [ni ukuvuga iserurwa mu buryo bwinshi] kandi itorera umuti ibintu vyose”.
Nta kigeragezo kinanira ubuntu bw’Imana
Petero yerekana yuko ukuba ishengero rya gikirisu rigizwe n’abantu batandukanye, ari uburyo bumwe ubuntu tutabereye bw’Imana bugaragariramwo (1 Petero 4:11). Umusavyi w’Imana wese arafise ingabire canke ubushobozi vyo mu vy’impwemu ashobora gukoresha mu kuremesha abari mu bigeragezo (Abaroma 12:6-8). Nk’akarorero, bamwebamwe mw’ishengero usanga ari abigisha ba Bibiliya babigirana ubuhanga. Amajambo yabo aranga ubwenge aravyurira abandi umutima wo kwihangana (Nehemiya 8:1-4, 8, 12). Abandi barakunda kugendera cungere abakeneye gufashwa mu kubasanga i muhira. Ukwo kubagendera usanga kubaronsa akaryo ko kubaremesha, gutyo ‘imitima yabo ikarema’ (Ab’i Kolosayi 2:2). Igihe abacungezi bagendeye abandi muri ubwo buryo bukomeza ukwizera, baratanga ingabirano yo mu buryo bw’impwemu (Yohana 21:16). Abandi na bo usanga bazwi ko ari abantu bagira igishika, imbabazi be n’ikibabarwe mu kuntu bavyifatamwo igihe bari kumwe n’abo basangiye ukwizera bababajwe n’ibigeragezo barimwo (Ivyakozwe 4:36; Abaroma 12:10; Ab’i Kolosayi 3:10). Impuhwe z’abavukanyi n’abavukanyikazi b’abanyarukundo nk’abo, be n’ukuntu bafasha abandi mu buryo buboneka, ni uburyo buhambaye Imana iseruramwo ubuntu tutabereye, canke tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, ni rimwe mu “mabara” y’ubuntu tutabereye bw’Imana.—Imigani 12:25; 17:17.
“Imana yirura imibabaro yose”
Ikiruta vyose, Yehova aratanga impumurizo. Ni “Imana yirura imibabaro yose” (2 Ab’i Korinto 1:3, 4). Ubukerebutsi dukura mw’Ijambo ry’Imana ryahumetswe, be n’inkomezi duhabwa n’impwemu yera yayo, ni uburyo buhambaye Yehova yishuramwo amasengesho tumutura tumusaba imfashanyo (Yesaya 30:18, 21; Luka 11:13; Yohana 14:16). Turashobora kuremeshwa n’ivyo intumwa Paulo yasezeranye ahumekewe. Yavuze ati: “Imana n’iyo kwizigirwa ntizobakundira ko mugeragezwa n’ibiruta ivyo mushobora, ariko hamwe n’ikibagerageza izobacira icanzo, kugira ngo mubone ingene mushobora kucihanganira”.—1 Ab’i Korinto 10:13.
Ego cane, naho ikigeragezo turimwo coba gifise “ibara” risa gute, ni ukuvuga naho coba kimeze gute, hazokwama hariho “ibara” canke inseruro y’ubuntu tutabereye bw’Imana ihura neza na neza n’ico kigeragezo (Yakobo 1:17). Imfashanyo iza ku gihe kandi ibereye Yehova yama aha abasavyi biwe naho ibibagerageza canke ibibagora biba bitandukanye gute, ni kimwe gusa mu bintu vyerekana “ubgenge bg’Imana bg’uburyo bginshi” (Abanyefeso 3:10). None ukwo si ko nawe ubibona?
[Amafoto ku rup. 31]
Yehova aradufasha kwihanganira ibigeragezo